Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 2 - Agahamo Ko Mu Binjana Vya Mbere

    Aho Yesu yahishurira abigishwa biwe ivyago Yerusalemu izogira n’ibizoba mu kuza kwiwe, yababwiye ivy’ubuzima bw’abantu biwe uhereye umusi yabavanwamwo gushika agaruke mu bwiza bwiwe, azanywe no kubakiza. Umukiza ari ku musozi wa Elayono yabona inkuruma y’ivyago bizotera mw’Ishengero ry’intumwa, kandi yitegereza cane ibigira bibe, amaso yiwe yabona amarushwa n’ibihe vy’umwiza n’ivyago bizotera abagendanyi biwe. Mu majambo make y’ingirakimazi kandi ateye ubwoba, yahanuye ivy’abaganza iyi si bazogirira ishengero ry’Imana. Abagendanyi ba Kristo bategerezwa gukengerwa no gushinyagurirwa kukw’ariyo nzira shebuja yaciyemwo. Vyari ngombwa ngo urwanko abisi banse Umukiza w’isi rugaragarire no kubizera izina ryiwe bose.IB 31.1

    Ivyabaye mw’ishengero rya mbere vyerekanye ingene amajambo y’Umukiza yashitse. Ubutware bw’isi n’ubw’ikuzimu bwarwanije Kristo mu kurenganya abayoboke biwe. Ubutware bwa gipagani bw’abasenga ibigirwamana bwabonye yuko ubutumwa buteye imbere, insengero zabo n’ibicaniro vyabo vyozimangana, baraheza batangura gukoresha ububasha bwabo bwose kugira ngo bazimanganye rwose idini rya Gikristo. Kuva ubwo rero akarenganyo gakomeye karatangura. Abakristo banyazwe ivyabo vyose, basohorwa mu ngo zabo. « Abandi bageragereshejwe gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bashirwa mu ngoyi no mw’ibohero. » (Abaheburayo 11:36) Abantu benshi bashinze intahe mu gusesa amaraso yabo. Abahambaye n’aboroheje, abanyabwenge n’abatungu bose baricwa ata kigongwe.IB 31.2

    Uku guhama abakristo kwatanguye ku ngoma y’umwami Nero, mu gihe bica intumwa Paulo, maze kurabandanya mu binjana vyakurikiye, igihe kimwe bigakomera cane, ikindi gihe bikoroha. Abakristo barabaremeka inteba ishushe, bakabagiriza ibikorwa vy’ubwicanyi bukomeye, no kuba inkwezi y’amarere y’ivyago vyatera mu gihugu: inzara, akaranda hamwe n’umutigito w’isi. Kubera ko bari bahindutse akabarore, barankwa kandi bagahakanwa n’abantu bose. Abansi babo bahora biteguye kwagiriza inzirakarengane kuko barabironkeramwo inyungu. Babacirakw’iteka nk’abamenja mu gihugu, nk’abansi b’idini, nk’isoko y’ivyago mu bantu. Igitigiri kinini c’abizera caterewe ibikoko vy’inkazi, abandi nabo baturirirwa mu bibanza vy’inkino, babona. Bamwe bishwe bamanitswe ku biti, abandi bambitswe insato z’ibikoko maze barekurirwa mu bibanza ahakunda kubera amahiganwa, kugira ngo imbwa zibatabagure. Igihano bahabwa cahindukira abarorerezi akaryo kadasanzwe gatuma baronka ikibanezereza mu gihe c’imisi mikuru ihambaye. Abantu isinzi wasanga bakoranye bakanezezwa no kuratira ijisho hamwe no kuramukisha agatwengo n’amashi abariko baracikana kubwo umubabaro bariko bacamwo.IB 31.3

    Ahantu hose abemeye Kristo barondera ubugerero, barabahiga bakabatuza bwa bunyamaswa. Nta handi bashobora kuronkera isaganirizo uretse ahantu hinyegeje, mu gahinga ka nyaganande. “bari baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi (isi ntiyari ibabereye ko bayibamwo), bayerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo”.(Abaheburayo 10:37,38) Abantu ibihumbi baronse ubwugamo mu bibanza bahambamwo abantu. Musi y’imitumba ushikirako usohotse igisagara ca Roma, bari barahaciye inzira mu mabuye no mu kuzimu; nubwo hatabona kandi ikaba yari inzira ndende itoroshe, yarashika kure hanze y’ibihome vy’igisagara. Muri ubu bwiherero bwo musi i kuzimu, ni ho abemeye Kristo bakamukurikira, bashingura ababo bapfuye. Ni naho mbere habahindukira aho kuba mu gihe babagizeko umwikeko bakabakumira. Igihe nyene gutanga ubuzima azokangura abo bose barwanye intambara nziza, abantu benshi bapfuye nk’abamaratiri ku bwo kwifatanya na Kristo, bazosohoka bava muri ivyo bibanza bitoroshe vyo mu nda y’isi.IB 32.1

    Abashingira intahe Kristo ntibigeze bavirira ukwizera kwabo nubwo hariho agahamo gakomeye. Nubwo bari babayeho nabi, birukanywe munsi y’umuco w’izuba, baronse ahabakira ho gukika umusaya mu nda y’isi kandi ntibigeze bidoga. Bararemeshanya bakoresheje amajambo yerekana ukwizera, ukwihangana hamwe n’ivyizigiro, kugira ngo bihanganire ukutagira ico biha, hamwe n’amagorwa. Kubura umugisha n’umwe baronka kw’isi ntivyashobona gutuma bihakana ukwizera bafise muri Kristo. Amarushwa n’agahamo kuri bo zari ingazi zituma barushirizaho kwegera uburuhukiro hamwe n’impera.IB 32.2

    Nk’uko vyari vyarashikiye abakozi b'lmana bababoneye izuba, benshi muri bo “bicishijwe amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo baze bahabwe ukuzuka kurushiriza kuba kwiza”. (Abaheburayo 10:35) Baribuka amajambo y’Umwigisha ko mu gihe bazoba bariko baratotezwa bahowe Kristo, ko ivyo bikwiye gutuma umunezero wabo wiyongera kuko impera yabo izoba ihambaye mw’ijuru; kuko uko niko n’abavugishwa n’Imana babayeho imbere yabo bahamwe. Banezerezwa no kubona baharuwe mu bo kubabazwa kubwo uguharanira ukuri kandi amajwi y’indirimbo z’intsinzi yaraduga hejuru akarengera kure urwamo rw’imbeya z’umuriro wariko urabanyitsa. Batumbereje amaso yabo mw’ijuru kubwo ukwizera, babona Kristo hamwe n’abamarayika bera babarabana ijisho ry’urukundo, kandi banezerejwe n’uko bahagaze bashikamye. Ijwi rivuye ku ntebe y’inganji y’Imana ryabashitseko rivuga riti: “wame uyoboka gushika ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo”. (Ivyahishuriwe Yohana 2:10)IB 32.3

    Ariko rero Satani ntiyashoboye guhonya Ishengero rya Gikristo mur'ubwo buryo bw’ububisha naho yabigerageje cane. Iyo ndwano abigishwa ba Yesu bayizimirijemwo ubuzima bwabo, ntiyahagaze kuko no mu gihe intumwa zicwa yagumyeho. Inganji yabaye rwabo. Abakozi b’lmana barishwe, ariko igikorwa cayo kiratera imbere. Ubutumwa bwarushirije gukwira hose kandi igitigiri c’abizera kirongerekana cane. Ubutumwa bwarinjiye ndetse bushika no mu bihugu vyabuzanijwe, gushika no mu butegetsi bw’abaroma. Umukristo umwe yabwiye abategetsi b’abapagani bariko baradodobereza abarenganywa ati : « Murashobora kutwica muturenganya, muducirakw’iteka Ako karenganyo kanyu niko nyene kemeza ko tuzizwa ubusa kandi ubwo bubisha bwanyu ntaco bubamariye. » Yamara rero wamenga ako karenganyo gakwegera abandi benshi gufatanya nabo mu kwizera. Abakristo baravuga bati : « Uko mudutema nk’abatema ivyatsi , niko turushiriza kwongerekana : amaraso y’abakristo ni nk’imbuto zibibwe. »(Tertullian, Apology, paragraph 50.)IB 32.4

    Abantu ibihumbi vyinshi batawe mu mabohero baricwa; yamara abandi baraza bagasubira mu kibanza cabo. Bitayeko abo bapfa bazize ukwizera kwabo baba bashinze intahe yuko ari aba Kristo, bagaharurwa mu baneshi. Bari baragwanye intambara nziza, kandi bari barindiriye urugori rw’ubuzima, aho Kristo azogarukira. Imibereho abakristo bihanganiye yabegereje bagenzi babo, kandi ibegereza KRISTO umukama wabo. Akarorero batanze bakiriho n’intahe bashinze mu gupfa kwabo vyarerekanye ukuri kw’Imana gushika n’ahantu batari barigeze biyumvira; maze ingabo za Satani ziramuheba, zisunga ibendera rya Kristo.IB 33.1

    Nico catumye Satani agabiriza kurwana intambara y’akamarampaka n’ubutware bw’Imana, kugira ngo ashinge ibendera ryiwe mw’lshengero rya Kristo. Ngo abayoboke ba Kristo baramutse bahenzwe ubwenge, bakigishwa kugarariza Imana, inkomezi zabo n’ubutwari bwabo bizogabanuka, maze kubatsinda ntibibe bikigoye.IB 33.2

    Noneho ico umwansi yananiwe gutsindisha ubutware, agiye kugikora ku bwenge no mu bwiyorobetsi, ico gihe akarenganyo kaciye gahagarikwa mu gishingo cako haza akadenderezo k’umubiri mu kwipfuza ubuhirwe n’icubahiro c’isi. Abantu bahora basenga ibishusho bemererwa kwakira igice c’imyizerere ya Gikristo, aho nyene bakagira ibindi bikuru bikuru bahakana. Mu kwihayagiza bavugako bemeyeko Yesu Kristo ari umwana w’Imana, bagatako bakizera urupfu rwiwe n’ukuzuka kwiwe ; yamara ntibigeze bemezwa mu mitima kw’ari abanyavyaha, maze bituma batabona kw’ari ngombwa kwihana ngo bahinduke imitima yabo. Kuko bemeye idini kugira banezereze abakristo mu bintu bimwe bimwe,nabo basavye abakristo ngo babanezereze mu bindi bimwe bimwe vyabo navyo, kugira ngo bafatanirize hamwe kwemera Kristo.IB 33.3

    Kuva ico gihe Ishengero rija mukaga gateye ubwoba ; gutabwa mu mabohero, guturirwa babona no kwicishwa inkota n’ukurenganywa, vyari nk’imigisha ubigereranije n’akarenganyo ko hanyuma. Abakristo bam we bahagaze bashikamye bavugako badashobora guhana amasezerano n’idini ya gipagani. Abandi bavuga yuko nibaramuka bemeye guhindura bimwe bimwe mu vyo bizera, bagafatanya na bam we bakiriye agace gato k’Ubukristo, ngo kumbure bizokwegakwegera imitima yabo kwemera rwose. Cari igihe abayoboke ba Kristo bafise intimba mu mitima. Satani yinjiye buke buke mw’ishengero, akoreye mu bigize abakristo ataribo, kugira ngo yonone ukwizera kwabo kandi avane ivyiyumviro vyabo mu vy’ukuri.IB 33.4

    Kw’iherezo abakristo benshi baretse urugero rw’amategeko y’idini baraheza bagira amasezerano amw’amwe hagati y’idini ya Gikristo n’ubupagani. Naho abasenga ibishusho bishimagiza ngo barahindutse bafatanya n’ishengero ariko ntibigeze bavirira imigenzo yo kubisenga, mugabo ivyasengwa nivyo vyahindutse, noneho biba ibishusho vya Yesu na Mariya n’abandi banyacubahiro bapfuye. Uyu mwambiro mubi wo gusenga amashusho umaze kwinjira mw’ishengero wabandanije igikorwa cawo c’ubwononyi. Inyigisho z’ibinyoma, gushariza ibisengwa no kwizera ivy’uburozi n’imigenzo y’ugusenga ibishusho vyigishwa mu kibanza c’imigenzo y’idini. Aho abakristo bafatanirije n’abasenga ibishusho, idini ya Gikristo yaciye yononekara ishengero rita agaciro n’ububasha bwaryo. Yamara hari hakiriho abandi bataguye mu rudubi rw’ubwo buhendanyi.Bashikamye ku Munyakuri basenga Imana yonyene.IB 33.5

    Kuva imyaka abayoboke ba Kristo bamye barimwo imigwi ibiri : Umugwi wa mbere wari uw’abantu bagerageza kwiyigisha imibereho y’Umukiza,bakihatira rwose gutunganya ubuzima bwabo mu kwigana Kristo. Umugwi wa kabiri nawo n’uw’abantu bakengera inyigisho zigaragara z’ukuri, kuko ziserura ibibi vyabo. Mbere no mu gihe Ishengero ryari riteye imbere abantu bose bo mw’ishengero ntibari abanyakuri,bafise imitima itunganye canke abagororotsi. Umukiza wacu yigishije yuko abakora ivyaha ibigira nkana badakwiye kwemererwa kwinjira mw’ishengero; yamara umukiza wewe yiyegereza abanyavyaha mu ngeso zabo kugira ngo bafashwe n’inyigisho ziwe n’akarorero k’ubuzima bwiwe,ngo baronke aho basuzumira ubuzima bwabo. Uwaguze Yesu yari umwe mu bigishwa biwe. Yuda yari yarakiriwe mu bigishwa ba Yesu n’ubwo hariho ibintu muri kamere yiwe bitari bibereye. Yari yahawe ikaze mu murwi w’abigishwa ba Yesu, maze afatanya nabo kugira ngo biciye mu nyigisho no mukarorero ka Kristo ashobore kubona no gutahura ingene kamere rukristo ikwiye kumera; maze bibe vyotuma yinegura, yihane kandi afashijwe n’ubuntu bw’Imana, ahumanure umutima wiwe “mu kugamburukira ukuri”. Ariko Yuda ntiyashimwe kugendera mu muco wamumurikira ku buntu. Kubwo gukuyakuya icaha, yahaye Satani akaryo ko kumugeregeza. Ububegito bwa kamere yiwe bwaragaragaye.Yararetse ubushobozi bw’umwiza bugira ububasha ku bwenge bwiwe, ntiyanezezwa no gukeburwa igihe amakosa yaba amubonetseko. Uko niko yahavuye aja mu bugizi bwa nabi buteye ubwoba bwo kugambanira Umwigisha wiwe, akamugurisha. Uko niko abakuyakuya ikibi bose ariko bagashaka kwerekana ko ari abantu b’intungane, binuba ababuza amahoro babahanura kutagendera mu caha. Mu gihe boronka akaryo keza, bohava baba nka Yuda, maze bakagurisha ababakangiriye, kubwo amakosa bakora, ariko babaronderera ineza.IB 34.1

    Intumwa zasanze mw’ishengero hariyo abantu bigira intungane ariko bagakorera inabi mw’ibanga. Ananiya na Safira biyerekanye nk’ababeshi mu gushaka gutuma abantu bibaza ko ikimazi bahaye Imana kiringaniye kandi bari bagaragayeko agatima ko kwipfuza mu kunyegeza igice c’ivyo bari bagurishije. Mpwemu w’ukuri yarahishuriye intumwa kamere yabo y’ukuri batashaka kwerekana, maze urubanza rw’Imana rutuma ishengero rikingirwa guhumanywa. Iki kimenyetso kigaragara ca Mpwemu wa Kristo atyorora ishengero catumye indyarya hamwe n’abakora ibizira bagira ubwoba. Ntibashobora kubandanya bafitaniye ubucuti n’abantu bamenyereye kandi bama biteguye guserukira Kristo igihe cose. Mu gihe amakuba no guhamwa vyashikira abamwemeye, ababa bafise ishaka ryo kuba boheba vyose kubwo guhagarara mu kuri nibo bipfuza guhinduka abigishwa biwe. Uko niko ishengero mu gihe cose ritihumanije ryageramiwe n’agahamo. Ariko ingorane zimaze kugabanuka, abakristo badashira imbere ukwitanga no kuba inyankamugayo bariyongereye mu muryango w’abizera, maze Satani aba abonye aho yuririra.IB 34.2

    Nta bumwe buri hagati y’urnutware w’umuco n’umutware w’umwiza, kandi abayoboke babo ntibashobora gushira hamwe. Aho abakristo bemereye gufatanya n’abantu batahindutse rwose ngo bave mu bupagani, bari bashitse mu nzira itandukanye rwose n’ukuri kw’Imana. Satani yari anezerewe cane kuko abonye inzira yo kuzimiza abayoboke ba Kristo. Kuva ico gihe Satani yaboneyeho kubategeka no kubatera iciyumviro co kurenganya abasigaye bumiye ku Mana. Nta wuzi uburyo bwo kurwanya ukwizera k’ukuri kwa gikristo nka bamwe bakurwanya ubwa mbere ; na ba bakristo bagarariza Imana mu kwifatanya na bagenzi babo bari abapagani uruhande rumwe, batanguye kurwanya inyigisho za Kristo, arizo zari ingirakamaro cane.IB 35.1

    Vyasaba ukwitanga kudasanzwe ku muntu ari mu rugamba rwo kuba umwizigirwa, ahagarara ashikamye agahangana n’ikinyoma hamwe n’ibiterasoni vyari bitwikiriwe n’impuzu z’abasaseredoti, kandi bikinjizwa mw’ishengero. Bibiliya ntiyemerwa nk’urugero ruringaniye rwo kwisungwa mu kwizera. Inyigisho z’umwidegemvyo mu vy’idini bazifata nk’inyigisho z’ibinyoma, abo bose bahirahira ngo bazihagararire baba bikururiye urwanko hamwe no kwangazwa.IB 35.2

    Hanyuma y’urugamba rukaze rwamaze igihe kirekire, bashoboye gusambura ubwo bumwe bwari hagati yabo n’ishengero ryagararije, riramutse ribandanije kwanka kureka ubuhendanyi bwaryo no gusenga ibishushanyo. Babonye ko ari ngombwa gutandukana mu gihe bagomba kwumvira ijambo ry’Imana. Babonye ko niba bagomba kwumvira Ijambo ry’Imana bategerezwa kwitandukanya gusa. Ntibashoboye na gato kwihanganira ibinyoma vyari bihagaritse imitima yabo ubwabo, no gutanga akarorero k’ibizotera akaga abana babo n’abuzukuru babo. Kugira ngo bagire amahoro n’ubumwe bari biteguye kwemera icari co cose kibatera kwizera Imana, ariko bakabona yuko kuronka amahoro mu buryo bwo guheba imigenzo ya mbere y’idini vyobagora. lyaba ubumwe bwarashobora kugumaho hatarinze guheba ibintu bikuru vy’ukuri, vyari kuba vyiza ! Ni co catumye biyemeza gutandukana ngo ni vyaba ngombwa n’intambara ibe.IB 35.3

    Vyari kubera Ishengero n’isi vyiza, iyo izo nyigisho zatumye abo bahagarara bashikamye zihindura n’imitima ya ba bandi biyita abantu b’Imana. Hariho ugufata minenerwe kudasanzwe inyigisho nshimikiro kandi ari zo nkingi z’ukwizera rukristo. Iciyumviro cakwirakwijwe hirya no hino ni uko izo nyigisho atari ikintu ntabanduka. Ukwo gusubira inyuma mu vyiyumviro vyahaye inguvu abakozi ba Satani ku buryo inyigisho z’ibinyoma hamwe n’ubuhendanyi buteye ubwoba, ivyo abizigirwa mu bihe vyarenganye batunze urutoke bigatuma ubuzima bwabo bubangamirwa, ubu ari vyo abantu ibihumbi n'ibihumbagiza biyita ko ari abakristo baha agaciro, bakemera ko ari kwo kuri.IB 35.4

    Abakristo bo mu bihe vya mbere bari abantu koko badasanzwe. Inyifato yabo itari ifise ico woyinegura hamwe n’ukwizera kwabo kutahugumba, vyari inkebuzo yamaho yabuza amahoro abamogoreye gukora ivyaha. Nubwo batari benshi cane, batari batunze kandi batari bashizwe hejuru mu bibanza no mu vyubahiro, baratera ubwoba abagize ikibi uburyo bwo kubaho, aho bose bari bamenyereye kamere hamwe n’inyigisho zabo. Ni co catuma usanga bama bahamwa n’ababi nk’uko Abeli yankirijwe na Kayini akamugirira nabi. Icatumye Kayini yica Abeli nico catumye abatashatse kurongorwa na Mpwemu Yera bica nabo abantu b'Imana. Ni nayo mpamvu yatumye abayuda bihakana umukiza mbere bakanamubamba- kuko ubweranda hamwe no kutagira icaha vyaboneka muri kamere yiwe, vyari icagirizi camaho c’ukuntu bikunda kandi bataye akaranga. Guhera mu gihe ca Kristo gushika n’ubu, abigishwa b’inyankamugayo babereye abakunda kandi bakurikira inzira c’icaha igitsitaza, arico gituma babanka kandi bakabahama.IB 35.5

    None ubutumwa bwiza bwoba ari ubwo amahoro gute? Aho Yesaya yabura ivyo kuvuka kwa Mesiya, yavuze ko azoba “Umwami w’amahoro”. Igihe abamarayika bamenyesha abungere ko Kristo yavutse, baririmvye indirimbo zasamiraniye mu biyaya vy’i Betelehemu bavuga bati: “Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw’isi amahoro abe mu b’inezererwa”. (Luka 2:14) Wogira ngo hariho ubudasa bugaragara hagati y’aya majambo yahanuwe hamwe hamwe n’amajambo Yesu yashikirije avuga ati: “sinaje gutera amahoro atari inkota”.(Matayo 10:34) Ariko hamwe yotahurwa neza, aya majambo yompi aruzuzanya, ntahushanye. Inkuru nziza ni ubutumwa bw’amahoro. Ukwizera rukristo hamwe kwoba kwakiriwe kugatahurwa neza kandi kukubahirizwa, ni akaryo kotuma amahoro, umwumvikano hamwe n’umunezero bikwiragira kw’isi yose. Idini rya Kristo ni iryo guhuza no kuvukanisha abo bose bemera inyigisho ziwe. Cari igikorwa ca Yesu co kunywanisha abantu n’lmana hamwe no kwuzuza umuntu n’uwundi. Ariko uruhande runini rw’abantu rugenzurwa na Satani, umwansi wa mbere wa Kristo. Inkuru nziza ibamenyesha ingendo ibereye y’ubuzima ariko ivyipfuzo vyabo hamwe n’imigenzo yabo biranyuranye n’iyo ngendo ibereye; ico nico kibatera kuyirwanya. Baranka rwose ubweranda kuko bushira ahagaragam kandi bukabagiriza icaha. Hamwe n’ivyo baratoteza mbere bakanaburabuza abo bose bahirahira bakabasaba ko botunganya inzira zabo bakabaho mu bweranda. Ni muri ubwo buryo - kuko guhagararira ukuri ari vyo bizana urwanko hamwe n’indwano - Inkuru nziza bayise inkota.IB 36.1

    Kubona abantu b’intungane baca mu gahamo bagatotezwa n’abagizi ba nabi, ni amayobera y'Imana atuma abantu benshi bafise intege nke mu kwizera bakekeranya. Mbere kuri bam we, habura gato gusa bakaba boheba burundu kwizigira Imana; ngo kuko yemera ko abantu banyomoje mu kugira nabi batera imbere, mu gihe abantu beza kandi b'intungane bashikirwa n’amarushwa kandi bakababazwa n’umwansi wabo w’umugesera. Iki kibazo cama cabajijwe: “bishika gute ko nyene ubutungane akongera akaba nyene imbabazi, kandi akaba ariwe ashobora vyose; ko yokwemera ko habaho akarenganyo n’agahotoro?” Iki ni ikibazo tudafiseko ububasha na bumwe. Imana yaratweretse urukundo idufitiye ku buryo buhagije; ntidukwiye rero gukekeranya nubwo tutotahura ibikorwa irangura kubwo ugushaka kwayo. Mu gihe Umukiza yabona ugukekeranya kuzotwikira imitima y’abantu mu misi y’umwiza hamwe no kugosorwa, yabwiye abigishwa biwe ati “mwibuke rya jambo nababwiye, nti umushumba ntaruta shebuja; nimba barampamye namwe bazobahama”. (Yohana 15:20.)Yesu yarababajwe kubera twebwe kurusha uko uwo mu bamukurikiye ashobora kubabazwa kubera ububisha bw’abantu barangwa n’inabi. Abahamagarwa bagacishwa mu nzira batotezwa kandi bakagirwa abamaratiri baba bariko baratambuka intambuko umwana akundwa w'Imana yatambutse.IB 36.2

    “Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo”. (2 Petero 3:9) Ntiyibagira canke ngo ifate minenerwe abana bayo; ariko ituma ababi bagaragaza kamere yabo y’ukuri, ku buryo uwo wese aba yipfuza gukora nk’uko agomba atabihendako. Ku rundi ruhande, abantu b’intungane baraca mu muriro wo kubabazwa no kugeregezwa kugira ngo bahingurwe; kugira ngo akarorero kabo gatere abandi gutahura koko ivyo ukwizera hamwe no kugira neza kwabo; hamwe n’ivyo kandi imigenzo yabo myiza ibe icagirizo ku bagizi ba nabi hamwe n’abatizera.IB 36.3

    Imana irareka ababi bagatekanirwa kugira ngo igaragaze urwanko bayifitiye; kugira ngo igihe bazoba bamaze kwuzuza igikombe c’ukugira nabi kwabo, bose bashobore kubona ubutungane n’ubuntu bwayo mu kubarandura. Umusi w’ukwihora kwayo uregereje, aho abo bose bahonyanze amabwirizwa yayo bakanakandamiza ubwoko bwayo, bazohabwa ingero iberanye n’ivyo bakoze; aho igikorwa cose c’ubugizi bwa nabi hamwe no kurenganya abayigamburukira bizohanwa nk’uko vyoba vyakorewe Kristo we ubwiwe.IB 37.1

    Hariho ikindi kibazo kandi gihambaye cane cari gikwiye gutuma ishengero muri kino gihe rirushirizaho kuba maso. Intumwa Paulo yavuze yuko « abagomba kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu bazohamwa .” (2 Timoteyo 3:12) None kuki wamenga akarenganyo gasa n’agacureshe ? Impamvu n’imwe rudende ; ni uko Ishengero ryari ryishushanije n’isi, maze kubera ivyo ntiryaba ricishimikije ibitunganye vyo kurwanya ab’isi. Ishengero ry’ico gihe ntiryari rifise ubutungane n’ubweranda bihwanye n’ukwizera kw’Abakristo bo mu gihe c’intumwa. Icabitera ni uko ishengero ryari rishize hamwe n’icaha, maze inyigisho nkuru nkuru z’ijambo ry’Imana ntizitabweho, kandi imibereho myiza ikaba itari ikivugwa mw’ishengero, bigatuma rero idini ya Gikristo rihurumbirwa na bose. ly'ishengero ryongera kugira ukwizera nk’ukwa mbere, umutima wo guhama abakristo no kubarenganya waca uvyuka.IB 37.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents