Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 20 - Umuvyuro Uhambaye Mu Vyimana

    Umuvyuro uhambaye mu vyimana ufatanye n’iyamamazwa ry’ukuza kwa Kristo kuri hafi uboneka mu buhanuzi buri mu butumwa bwashikirijwe n’umumarayika wa mbere nk’uko buboneka mu Vyahishuwe 14. Umumarayika aboneka agurutse “yatiriye ijuru afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kuburira ababa kw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo gishitse museng’iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi.”(Ivyahishuriwe Yohana 14:6,7) IB 256.2

    Kubona Umumarayika ari we avugwa ko ari we yamenyesheje abantu iyi mburi birafise insiguro. Kubwo ukutihumanya, icubahiro n’ubushobozi bw’iyo ntumwa irungitswe n’ijuru, vyerekana ko Imana yabonye ko bibereye yuko ishira hejuru kamere y’ico gikorwa gitegerezwa kurangurwa n’ubwo butumwa, n’ubwo bushobozi, n’ico cubahiro bikiranga. Kandi uwo mumarayika aguruka yatiriye ijuru, iryo jwi rirenga ryakoreshejwe mu gushikiriza iyo mburi; kandi ugushikirizwa kwayo “abantu bose baba kw’isi” amahanga yose, n’imiryango yose, n’indimi zose, n’amoko yose” - bitanga ikimenyamenya c’ingene ico gikorwa kizonyaruka kandi kigakwira kw’isi yoseIB 256.3

    Ubwo butumwa ubwabwo buratanga umuco ku gihe ico gikorwa kizoshirirwa mu ngiro. Ni ikintu camenyeshejwe ko “bugize ubutumwa bwiza butazoshira” kandi butangaza intango y’urubanza. Ubutumwa bw’agakiza bwaramamajwe mu runganwe rwose; ariko ubu butumwa ni igice c’ubutumwa bwiza bwategerezwa kwamamazwa mu misi ya nyuma honyene, kandi aho ni ho honyene igihe c’amateka cari gishitse vy’ukuri. Ubuhanuzi bwerekanye urukurikirane rw’ibiringo bishikana ku gihe c’intango y’urubanza. Mu buryo budasanzwe uku ni ukuri dusanga mu gitabo ca Daniyeli. Ariko agace k’ubuhanuzi yashikirije gafitaniye isano n’imisi ya nyuma, Daniyeli yahawe itegeko ryo kubumatanisha ishashara kandi akabudomako ikimenyetso gushika “ku gihe c’iherezo”. Ico gihe kitarashika, nta butumwa bwerekeranye n’amateka bwari kwamamazwa, bwisunze ishitswa ry’ubuhanuzi. Ariko mu gihe c’iherezo, ni ko umuhanuzi avuga: “niho benshi bazoserangura muri co kand’ubwenge buzogwira.” (Daniyeli 12:4)IB 257.1

    Intumwa Paulo yagabishije ishengero ngo ntiryitege ukuza kwa Kristo mu misi yiwe. Avuga ati: “Kuko uyo musi utazoza kwa kureka Imana kutabanje kuboneka kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa.”( 2 Ab’itesalonike 2: 3). Ukugarariza Imana kudasanzwe kutararangira hamwe n’ikiringo kirekire c’ubutware bw’umuntu w’umugarariji, ntidushobora kwitega ukuza kw’Umwami wacu. ” Umuntu w’umugarariji” akaba ari nawe azwi kw’izina ry’ibanga ry’umugararizo agereranya ubupapa, nk’uko bwavuzwe mu buhanuzi, bwategerezwa gushigikira ubutumwa bwabwo igihe c’imyaka 1260. Ico kiringo caheze mu mwaka wa 1798. Ukuza kwa Kristo ntikwari gushika imbere y’ico gihe. Paulo yerekana n’ubwitonzi ingene gushika mu mwaka wa 1798, abakristo bose bahamagarirwa kwemera kwakira imbabazi. Urwo ruhande rw’ubutumwa rw’ico gihe rwerekeranye n’ukugaruka kwa Kristo rutegerezwa kwamamaza.IB 257.2

    Ubutumwa nk’ubwo ntibwigeze butangwa mu bihe vyaheze. Nk’uko twabibonye, Paulo ntiyigeze abusigura; abavukanyi biwe yabashoboje gutumbereza amaso yabo muri kazoza kakiri kure kuvyo ukugaruka kw’Umwami. Abagorozi ntibabisiguye. Martino Luther akiriho, yabona ko umuntu yari kwitega ukugaruka kwa Yesu mu myaka 300 yari imbere. Ariko guhera mu mwaka wa 1798, igitabo ca Daniyeli nticari kikiri amabanga anyegejwe, ubumenyi muvyo ubuhanuzi bwariyongereye, kandi benshi baramenye ubutumwa buhambaye bw’uko igihe c’amateka kiri hafi.IB 257.3

    Nk’uko vyagenze mu gihe c’ubugorozi buhambaye bwo mu kinjana ca 16, ubutumwa bw’Abategereje ukugaruka kwa Yesu bwamenyekaniye rimwe mu bihugu rukristo bitandukanye. Haba i Buraya canke muri Amerika, abantu barangwa no kwizera hamwe no gusenga barongowe kwiga ubuhanuzi, maze bihweje neza ico Ivyanditswe bishikiriza, babonamwo ibimenyamenya ntabanduka vy’uko iherezo ry’ibintu vyose riri hafi. Mu bihugu bitandukanye hariho imigwi itazinanye y’abakristo, ku bwo kwiga gusa Ivyanditswe, yashitse aho yizera ko ukugaruka kw’Umukiza kuri hafi.IB 257.4

    Mu mwaka wa 1821, haheze imyaka itatu Miller amaze gushikiriza inyigisho ku buhanuzi bwerekana igihe c’amateka, Dr Joseph Wolff, “Umuvugabutumwa kw’isi”, yatanguye kwamamaza ukuza kw’Umwami . Wolff yari yavukiye mu Budagi kandi yari afise amamuko mu Baheburayo, se wiwe yari Umuyuda yanonosoye Ivyanditswe. Akiri muto yaranyuzwe n’ukuri kw’idini rukristo. Kubera ko yari umusore afise ubwenge bukora cane kandi bwiyumvira, yama yateze amatwi ibiganiro bibera i muhira i wabo igihe cose ku musi Abaheburayo bakorana bakibukanya ivyizigiro hamwe n’ivyo ubwoko bwabo bwiteze, icubahiro ca Mesiya agiye kuza, no gusubizwa iteka kwa Isirayeli. Umusi umwe yumvise bavuga ivya Yesu w’i Nazareti, yararondeye kumenya uwo ari we. Bamwishuye ko yari Umuyuda afise impano iruta izindi; ariko kubera ko yivugira ko ari we Mesiya, sentare y’Abayuda yamuciriye urubanza imukatira igihano co gupfa. Uwo muyabaga yarongeye arabaza ati: “Ni kuki Yerusalemu yasambutse kandi ni kubera iki turi mu buja?” Se yaramwishuye ati: “Eeeh, eeeh, ni ukubera ko Abayuda bishe abavugishwa n'Imana Uwo muyabaga yaciye agira iciyumviro ako kanya: “Kumbure Yesu yari Uwuvugishwa n’Imana kandi Abayuda baramwishe ataco bamuhora.” (Travels and Adventures of the Rev. Joseph Wolff, vol. 1, p. 6.) Muri we yaciye arwanirwamwo n’iciyumviro c’uko naho bomubuza kwinjira mu rusengero rw’abakristo, azobundabunda hanze yarwo kugira ngo akurikirane insiguro bashikiriza.IB 257.5

    Amaze imyaka indwi yonyene y’amavuko, yariko arihaya imbere y’umwizera w’umukristo ahumuye amwereka inganji igiye kuza ya Isirayeli mu gihe c’ukuza kwa Mesiya, uwo muntu yaciye amwishurana ubugwaneza ati: “Muhungu uteye igomwe, reka ndakubwire Mesiya w'ukuri uwo ari we: Yari Yesu w’l Nazareti uwo ba sokuru bawe babamvye baramwica nk’uko babikoreye abavugishwa n’Imana ba kera. Taha i muhira maze usome igice ca 53 c’igitabo ca Yesaya, amazinda yawe yose ari buhere kuko uraza gutahura ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.” (Ibid, vol. 1 p.7) Ako kanya yumvise anyuzwe. Yaragiye i muhira maze arasoma Ivyanditswe, arondera kubona neza ingene vyashikijwe ata na kimwe kibuze muri Yesu w’i Nazareti. Rero bwa bundi amajambo y’abakristo kwari ukuri? Uwo mwana yabajije se wiwe ngo amusigurire ubuhanuzi, ariko se ntiyigeze agobotora ururimi ku buryo uwo mwana atongeye kugira umutima wo kugira ico amubaza kuri iyo nkuru. Ariko rero ibi ni vyo vyamuteye kwumva yorushiriza kurondera kumenya vyinshi kw’idini rukristo.IB 258.1

    Ubumenyi yipfuza kuronka ntiyashoboye kubushikako iwabo mu Bayuda; ariko amaze imyaka y’amavuka 11, yaravuye mu nzu kwa se aca arasohoka kurondera mw’isi aho yokwiga, agahitamwo idini umutimanama wiwe wemera hamwe n’ico yokora mu buzima. Hariho umuntu wo mu muryango wabo yamuhaye indaro umwanya muto ariko bidatevye aramwirukana kuko yamubona nk’umuhakanyi; uko ni ko ata n’uruhera afise kandi ari wenyene, yarondeye ukuntu yobaho hagati y’abanyamahanga. Yama yavuye mu kibanza akaja mu kindi, akigana ubukerebutsi kandi akigisha igiheburayo kugira ngo abeho. Kubera ubwaku umwigisha wiwe w'umukatolika yamugizeko, yumvise agoberewe kwemera imyizerere katolika kandi aho nyene yigira inama yo kuzojana ubwo butumwa ku bantu b’i wabo. Afise iyo ntumbero inyuma y’imyaka mikeya, yagiye kubandanya ivyigwa vyiwe mu kigo c’ishure co kumenyekanisha ukwizera cari i Roma. Kubera ko yari umuntu afise umwidegemvyo mu kwiyumvira kandi afise imvugo itomoye, bahavuye babona ko afise inyigisho z’ivyaduka. Yerekanye atarya umunwa amarorerwa ishengero rikora, ayatunga urutoke kandi ahimiriza ko hobaho umuvyuro. N’ubwo hambere na mbere abanyacubahiro mw’ishengero bamufata nk’amata adasanzwe y’abashitsi, mu nyuma bahavuye bamwirukana ava i Roma. Ishengero ry’i Roma ryaramukurikiraniye hafi akava mu kibanza akaja mu kindi, gushika aho abona ko bigaragara ko atobandanya ari mu buja bw’inyigisho z’ishengero ryi Roma. Bamwagirije ko ari intagondwa maze bamuronsa uburenganzira bwo kuja aho yumva ashaka. Yahavuye rero agenda mu Bwongereza, yakirirayo ukwizera kw’Abaprotestanti, maze yifatanya n’ishengero Anglikani. Inyuma y’imyaka ibiri y’ivyigwa, mu mwaka wa 1821, yarasohotse, atangura kuja ku gikorwa yahebeye ubuzima bwiwe.IB 258.2

    Mu gihe Wolff yemera ukuri guhambaye kw’ukugaruka kwa Kristo nk’umuntu azi intimba ico ari co, kandi w’umunyamibabaro; yabonye ko ubuhanuzi bwerekana neza ku buryo bugaragara ukugaruka kwiwe mu cubahiro no mu bushobozi. Kandi igihe yagerageza kurongora ubwoko bwiwe kuri Yesu w’i Nazareti, umwe yasezeranywe, no kubereka ukuza kwiwe kwa mbere yicishije bugufi nk’ikimazi gitangiwe ivyaha vy’abantu, yaboneyeho n’akaryo ko kubigisha ivy’ukugaruka kwiwe nk’Umwami hamwe n’Umucunguzi. Yavuze ati: ” Yesu wi Nazareti,Mesiya w’ukuri, umwe bacumita ibirenge n’amaboko bakabikomeretsa, umwe bayobora nk’intama bajanye ku macuniro, umwe yari azi intimba ico ari co n’umuntu w’imibabaro, umwe amaze gukurwaho inkoni y’ububasha yari inyazwe Abayuda kandi ububasha bw’amategeko bwari buri munsi y’ibirenge vyiwe; yaraje ubwa mbere. Azogaruka ubwa kabiri azananye n’ibicu vy’ijuru, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru” (Joseph Wolff, researches and Missionary Labors, pge 62), ” kandi azohagarara ku musozi Elayono, kandi bwa butware bwari bwahawe Adamu ku vyaremwe vyose hanyuma akabusamarako bukamuca mu myanya y’intoke, buzokomorerwa Yesu. Azoba Umwami w’isi yose; imyidogo n’amaborogo y’ivyaremwe bizohera, maze indirimbo zo gutazira n’amashimwe zizokwumvikana.... Aho Yesu azoba agarutse mu cubahiro ca Se, n’abamarayika bera... abapfuye bizeye bazozuka ubwa mbere. Iki ni co twebwe abakristo twita ukuzuka kwa mbere, aha ni ho rero ibikoko bizohindura kamere, bibe munsi y’ibirenge vya Yesu. Hazobaho amahoro kw’isi yose. (Journal of the Rev. Joseph Wolff, page 378,379). Umwami azokwongera arabe kandi kw’isi maze aheze avuge ati: “Raba ni vyiza cane” (Ibid., page 294.)IB 259.1

    Wolff yizera ko ukuza kw’Umwami kuri hafi cane. Ingene yasigura ibiringo vy’ubuhanuzi vyari vyatumye ukwo kuza kw’Umwami akugenera igihe cegeranye rwose n’ico Miller yari yiyumviriye. Kuri abo bisunze ivyanditswe bamubwira ko uwo musi n’iyo saha ata muntu n’umwe abizi; ko abantu ata kintu na kimwe barekuriwe kumenya cerekeranye n’ukwegereza kw’ukugaruka kwiwe; Wolff yabishura ati: “Umwami wacu yoba yaravuze ko uwo musi n’isaha bitazokwigera bimenyekana? Ntaho yaduhaye ibimenyetso vy’igihe kugira ngo tumenye n’imiburiburi ko ukuza kwiwe kwegereje, nk’uko usanga umuntu amenya ko agatasi kari hafi iyo abonye umusukoni ishami rya wo ritoshe, amababi yatutuje?(Matayo 24:32) Mbega ntituzokwigera tumenya ico kiringo, kandi atwinginga ngo ntitugarukirize gusa ku gusoma Daniyeli ariko ko twonahatahura? Kandi si muri ico gitabo ca Daniyeli nyene aho bivurwa ko ayo majambo yategerezwa kuguma muri ntibate, igitabo cayo kikamatanishwa ishashara kandi kikadomwako ikimenyetso gushitsa igihe c’iherezo; kandi ko benshi bazoserangura muri co, kandi ko ubwenge buzogwira? Hamwe n’ivyo, Umwami wacu ntagomba kuvuga ko ukwegereza kw’ibihe ko kutazomenyekana, ariko ko umusi n’itariki nyezina ari vyo umuntu atazi. Ahubwo avuga ati, kubwo ibimenyetso vy’ibihe muzogira ubumenyi buhagije bubatere umwete wo kwitegura nko muri ca gihe Nowa yariko arategura ubwato.” (-Wolff, Researches and Missionary Labors, pages 404,405.)IB 259.2

    Ku vyerekeranye n’uburyo abantu bari bamenyereye gusigura, canke kudaha insiguro nyazo Ivyanditswe, Wolff yanditse agira ati: “Igice kinini c’ishengero rukristo carahevye inyigisho inengesereye y’Ivyanditswe maze kiyikaba n’ingene ku bizera Buddha, inyigisho zabo usanga zigwiriyemwo ibihushane aho bizera ko umunezero wo muri kazoza ku kiremwa muntu uzoba ugizwe no kuzunguruka mu kirere; kandi bakibaza ko iyo basomye ijambo “Abayuda” bakwiriye gutegera ko ari abapagani; kandi ko iyo basomye ijambo “Yerusalemu” bategerezwa gutahura ko ari ishengero; kandi ko iyo havuzwe “isi” biba bisigura “Ijuru” kandi ko ‘“ukuza kw’Umwami” bategerezwa gutahura ko ari ugutera imbere kw’amashirahamwe yo kujana ubutumwa mu mahanga; kandi ko “kuduga ku musozi w’inzu y’Umwami” bisigura “ikoraniro ridasanzwe ry’Abametodiste.” (-Journal of the Rev. Joseph Wolff, page 96.)IB 260.1

    Mu kiringo c’imyaka 24 uhereye mu mwaka wa 1821 gushika mu mwaka wa 1845, Wolff yarafashe ingendo kenshi: muri Afrika yagendeye Misiri na Etiyopiya; muri Aziya yaragendagenze mu bihugu vya Palestina, Siriya, ubuperesi, Bokhara, hamwe n’Ubuhindi. Yaranagendeye Leta zunze ubumwe za Amerika, aca kw’izinga rya Helena Mweranda aho yasiguye. Yashitse i New York, mu mwaka wa 1837; kandi amaze gusigura muri ico gisagara, yaranasiguye muri Filadelifiya hamwe n’i Baritimore hanyuma arabandanya aja i Washingitoni. Hano aravuga ati: “Ku ngingo yari ishikirijwe n’umukuru w’igihugu yahahora, John Quincy Adams, muri imwe mu nzu y’inama nshingamateka, abajenama bose ata n’umwe avuyemwo baremeye ko nokoresha icumba c’amanama nkabasigurira. Ico gikorwa nakiranguye ku musi w’Isabato kandi nari natewe iteka n’abajenama bose b’inama nshingamateka bari bitavye, hamwe n’umwepisikopi w’i Virginiya, kandi n’abavugiramana n’abanyagihugu b’i Washingitoni bari bitavye nabo ico gikorane. Narongeye nterwa iteka nk’iryo nababwiye na Leta za New Jersey na Pensilivaniya abo nashikirije ivyirwa ku bushakashatsi nagize muri Aziya hamwe no ku kibanza kwa Yesu Kristo.( -Ibid., pages 398,399.)IB 260.2

    Dr Wolff yaratembereye ibihugu vyarusha ibindi kubamwo abantu b’aba barubaru aho ata butegetsi na bumwe bw’i Buraya bwamuhaye abomuherekeza bakamucungera; yarahuye n'ingorane nyinshi kandi ubuzima bwiwe bwarageramiwe kenshi. Baramushishaguye kandi yicwa na kigoyi, aragurishwa ka bugurano, kandi incuro zitatu zose baramuciriye urubanza rwo gupfa. Abasuma baramukijije utwo yari afise, kandi ibihe bimwe yahatswe kwicwa n’inyota. Igihe kimwe baramwambuye ikintu cose yari afise maze urugendo yari asigaje arukora ku maguru aduga kandi amanuka imisozi, mu maso hiwe harabangamiwe cane n’ibihe vy’igikonyozi maze ibirenge vyiwe biratimba kubera ko ata birato yari yambaye kandi hari hakanye cane.IB 260.3

    Igihe bamuhanura ko atoza aragendera ibihugu birimwo abantu bataratera imbere kandi batanezerererwa abashitsi atitwaje ikirwanisho, yishuye ko yamana ibirwanisho: “amasengesho, ishaka ngirira Kristo hamwe no kwizigira ubufasha bwiwe.” Yaravuze kandi ati: “Nujujwe urukundo rw’Imana n’urwa mugenzi wanje mu mutima wanje, kandi mfise Bibiliya mu minwe yanje.” (-W.H.D. Adams, In Perils Oft, page 192.) Ahantu hose yagenda yama yitwaje Bibiliya yo mu giheburayo no mu congereza. Iki ni ico yavuze kuri rumwe mu ngendo ziwe zo hanyuma. “Nama.... mfise Bibiliya yuguruye mu minwe yanje. Narumva ko ubushobozi bwanje buri muri ico gitabo, kandi ko inguvu zaco zategerezwa kunshigikira. (Ibid, page 201).IB 260.4

    Uko niko yaramirije mu gikorwa ciwe gushika aho ubutumwa bw’ibihe vy’imanza bwashikanywe ku gice kinini c’ahantu haba abantu kuri iyi si. Mu Bayuda, mu bantu bo muri Turkiya, Abaperesi, Abahindi hamwe n’ayandi moko menshi n’imiryango,yarakwiragijeyo ijambo ry’Imana muri izo ndimi zitandukanye kandi ahantu hose ahashikana ubutumwa bw’integuza ko inganji ya Mesiya yegereje.IB 261.1

    Mu ngendo ziwe yagize i Bokhara, yasanzeyo inyigisho z’ukuza kw’Umwami zama zishingirwa intahe n’umugwi w’abantu babayeho ukwa bonyene mu ntara zo hagati mu gihugu. Aravuga ati: “Abarabu bo muri Yemeni bafise igitabo bita “Seera” kivuga ivyo ukugaruka kwa Kristo hamwe n’inganji yiwe y’icubahiro; kandi biteze ko hariho ibintu bihambaye bizoshika mu mwaka wa 1840. (-Journal of the Rev.IB 261.2

    Joseph Wolff, page 377) Muri Yemeni namaranye imisi itandatu n’abakomokaIB 261.3

    kuri Rechab. Nta vino ituriranije banywa, nta n’inzabibu barima kandi baba mu mahema, kandi baribuka umukurambere mwiza Yonadabu umuhungu wa Rekabu ; kandi nasanze babana n’abana ba Isirayeli, bo mu muryango wa Dani... bari kumwe n’abana ba Rekabu, bariteze ku buryo bwa vuba ukuza kwa Mesiya mu bicu vyo mw’ijuru (Ibid, page 389).IB 261.4

    Uwundi muvugabutumwa yasanze abantu bafise ukwizera nk’ukwo muri Tartare. Umuvugiramana w’umutartare yaramubajije igihe Yesu azogarukira. Uwo muvugabutumwa yishuye ko ata kintu abiziko maze uwo muvugiramana vyabonetse ko atangaye rwose kubona umuntu avuga ko yigisha Bibiliya atazi igihe Yesu azogarukira. Yaciye amubwira ko yisunze ivyo bizera biboneka mu buhanuzi, ko Kristo azogaruka mu mwaka wa 1844.IB 261.5

    Hakiri kare mu mwaka wa 1826, ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu ni ho bwamamazwa mu Bwongereza. Aho mu Bwongereza, uko ubwo butumwa bwashikirizwa kwari gutandukanye n’uko bwashikirizwa muri Amerika; itariki nyezina y’igihe azogarukira ntibayigisha mu bisanzwe , ariko ukuri guhambaye kw’ukugaruka kwa Kristo mu cubahiro no mu bushobozi kwaramamazwa rwose. Kandi ubwo butumwa ntibwavugwa gusa kubiyonkoye canke abadashaka kubwubahiriza. Umwanditsi w’umwongereza Mourant Brock, avuga ko hafi y’abakozi b’Imana 700 b’ishengero ryo mu Bwongereza bagize uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza “ubu butumwa bwiza bw’ubwami”. Ubutumwa bwiza bwatumbereza ku mwaka wa 1844, nk’igihe c’ukugaruka kw’umwami nabwo bwarasiguwe mu Bwongereza. Ibitabo bivuga ivyo kugaruka kwa Kristo vyandikirwa muri Amerika vyarakwiragizwa cane. Ibitabo n’ibinyamakuru vyarongera bigasohorerwa mu macapiro yo mu Bwongereza. Kandi mu mwaka wa 1842, Robert Winter umwongereza kubwo amavuko ariko akaba yari yaramenyeye ubwo butumwa bw’ukugaruka kwa Yesu muri Amerika, yagarutse iyo yavukiye kugira ngo ahamenyeshe ivyo ukugaruka kw’Umwami. Abantu benshi barifatanije nawe muri ico gikorwa, kandi ubutumwa bw’igihe c’amateka bwaravuzwe mu bihande bitandukanye vy’Ubwongereza.IB 261.6

    Muri Amerika y’Ubumanuko, hagati y’abantu bari bakiri mu mwiza w’ukugira nabi n’abaherezi b’ibintazi, Lakunza umuntu w’amamuko yo muri Espanye kandi yari “mu muryango w’abagenzi ba Yesu”, yarongowe gusoma Ivyanditswe kandi ahishurirwa ukuri kw’ukugaruka kwa Kristo bidatevye. Kubwo kwumva agoberewe no gutanga iyo mburi ariko kandi no kubwo kurondera ingene yokwikingira ibihano vy’ishengero ry’i Roma, yigize umuntu yanyuzwe n’inyigisho z’Abayuda maze aca ashikiriza inyandiko ziwe mw’izina yitaziriye rya “Rabbi Ben-Ezra”. Yabayeho mu kinyenjana ca 18, ariko mu mwaka wa 1825, ni ho igitabo ciwe cashika i Londoni, umurwa mukuru w’Ubwongereza, maze gishirwa mu rurimi rw’icongereza. Ico gitabo carafashije abantu kurushirizaho kugira ugushaka kwimbitse mu bijanye no gusobanukirwa ivyo ukugaruka kwa Yesu, mu Bwongereza.IB 261.7

    Mu Budagi, iyo nyigisho yari yaratanzwe mu kinjana ca 18 na Bengel, umukozi wimana wo mw’ishengero ryemera inyigisho za Luther kandi yari rurangiranwa mu kuba yaranonosoye inyigisho za Bibiliya no kugira ico azishikirijeko. Amaze guheraheza amashure yiwe, Bengel yahisemwo kwihebera kunonosora inyigisho z’iyobokamana, zikaba zanatumye ijwi ryiwe rirongorotse n’ivyiyumviro vyiwe bitomoye ku vyerekeranye n'idini birushirizaho gushinga imizi kubw’inyigisho no gutozwa indero hakiri kare, mu buryo vyari bisanzwe vyaramucishije bugufi. Nk’uko vyashikiye abandi bantu bakiri bato kandi bafise kamere yo gukunda kwiyumvira, imbere y’aho no guhera ico gihe, yama yarwaniwemwo n’ivyiyumviro vyo gukekeranya canke vy’ingorane zifitaniye isano mu buryo busanzwe n’ivy’idini; kandi akoresheje imvugo ngereranyo isunitswe n’ikigumbagumba cinshi yari afise, ayo madidane yayafata “nk’imyampi myinshi itobekeranya umutima wiwe ugowe, kandi igatuma ubusore bwiwe bumubera umutwaro uremereye.” Amaze kuba umwe mu bagize inama ntunganya bikorwa y’i Wittemberg, yaciye ahaguruka aharanira yivuye inyuma umwidegemvyo mu kwemera. N’aho yashigikira ko ishengero rikwiye kugira uburenganzira n'amahirwe, yari n’umuntu aharanira uburenganzira bwose bufise ishingiro bwarekuriwe abiyumvisemwo bo ubwabo ko baboshwe, ku kibuga c’umutimanama, ngo babe bobohorwa bave mw’ishengero barimwo baje mu rindi. (Encyloedia, Britannica, 9th ed., art. “Bengel”) Ubwaku bw’itegeko nk’iri n'ubu buracibonekeza mu ntara yiwe y’amavuko.IB 262.1

    Mu gihe yariko arategura insiguro ishingiye ku Vyahishuriwe Yohana 21 ayitegurira abategereje ukugaruka kwa Yesu baruhuka kw’iyinga, ni ho umuco w’ukugaruka kwa Kristo wamurikira ubwenge bwiwe. Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuriwe Yohana yumvise abutahuye neza kuruta uko vyahora. Kubwo kurengerwa n’agaciro gahambaye hamwe n’icubahiro co ku rugero rwo hejuru c’ibintu umuhanuzi yerekanye ko bizoshika, yabaye aratenyenya kuri ivyo vyigwa yariko arakora. Ariko igihe kimwe ari ku ruhimbi, iyo nyigisho yarongeye imuca mu bwenge ku buryo bugaragara kandi ifise ububasha. Guhera ico gihe yaciye yihebera kwiga ubuhanuzi na cane cane ubwo mu Vyahishuriwe Yohana, kandi bidatevye ivyo vyigwa vyamushikanye aho yizera ko vyerekana ko ukugaruka kwa kristo kwegereje. Ikiringo yerekanye ko ari co Kristo azogarukirako cari gitandukanye gato gusa n’ico Miller yahavuye nawe yerekana.IB 262.2

    Inyandiko za Bengel zarakwiragiye hirya no hino mu bihugu rukristo. Insiguro ziwe z’ubuhanuzi muri rusangi zarahawe ikaze no mu ntara yiwe Wurttemberg,mbere no ku rundi rwego zirashika mu bindi bice vy’Ubudagi. Ico gikorwa carabandanije n’inyuma y’urupfu rwiwe, kandi ubutumwa bw’ukugaruka kwa Yesu bwarumvikanye mu Budagi muri ico gihe nyene ku buryo n’abantu bo mu tundi turere bagize inyota yo kubwumva. Mu misi ya mbere, bamwe mu bari bemeye ubwo butumwa bagiye mu Burusiya kandi bamaze gushikayo baratunganije imigwi y’abantu maze ukwizera ko Yesu agiye kugaruka vuba babandanya kuvyigisha mu mashengero y’Abadagi yari muri ico gihugu c’Uburusiya.IB 262.3

    Umuco waramurikiye Ubufaransa nabwo hamwe n’Ubuswise. I Jeneve, aho Farel na Calvin bari bakwiragije ukuri kw’ubugorozi, Gaussen we yahasiguye ubutumwa bw’ukugaruka kwa Yesu. Akiri umunyeshure, Gaussen yari yarakiriye inyigisho zishira imbere gukoresha ubwenge mu bintu vyose, ivyo vyiyumviro ni vyo vyari bigezweho mu bihugu vyose vy’i Buraya mw’iherezo ry’ikinjana ca 18 ritangurira ica 19; kandi igihe yatangura igikorwa co kuvuga ubutumwa, ntiyari ayobewe gusa ukwizera kw'ukuri, ahubwo yahavuye anatwarwa n’inyigisho zo gukekeranya. Akiri umusore, yari yarashimishijwe no kwiga ubuhanuzi. Amaze gusoma inkuru ya kahise muri rusangi kanditswe na Rollin, yumvise agoberewe no kwihweza neza igice ca kabiri ca Daniyeli; kandi yararengewe abonye ukuntu ibintu vyose vyashitse ata na kimwe kivuyemwo nk’uko vyavugishijwe, nk’uko biboneka mu mateka y’isi. Iki nico cari igishingantahe c’ingene Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana, kandi ivyo vyamubereye ishimikiro rikomeye ryo kwisunga hagati y’ibihe biteye ubwoba vyo mu myaka ya nyuma. Yumvise ataremeshejwe n’inyigisho zashira imbere ubwenge gusa nka kirumara maze mu kwiga Bibiliya no mu kurondera umuco utomoye, yahavuye inyuma y’igihe, ashikama mu kwizera nyakuri.IB 263.1

    Mu gihe yariko akurikirana ubushakashatsi ku buhanuzi, yashitse aho yemera ko ukuza kw’Umwami kuri hafi cane. Kubwo gutangazwa n’ukuntu ukwo kuri guhambaye kandi kudasanzwe, yumvise agoberewe kukumenyekanisha imbere y’abantu; ariko kubera ko abo bantu bari basanzwe bemera ko ubuhanuzi bwo muri Daniyeli ari amabanga adashobora gutahurwa, iyo yari intambamyi ikomeye yari imubangamiye. Yaciye rero yigira inama nk’uko Farel yari yarigeze kubikora ariko aramamaza ubutumwa i Jeneve, gutangurira ku bana, kuko yari afise ivyizigiro ko yoshikira abavyeyi avuze kuri bo.IB 263.2

    Mu nyuma ariko avuga ivy’ico gikorwa yagomba kurangura, yaravuze ati: “Ndipfuza ko ibi bintu abantu bobitahura; atari uko bifise agaciro kabayabaye ahubwo ni uko bifise agaciro gahambaye, nipfuje kubishikiriza mu buryo bumenyerewe, nkaba rero nabishikirije abakiri bato. Ndipfuza ko abantu bavyumviriza, kandi mfise ubwoba ko hamwe nobibwira abantu bakuze nohava mbura abanyumviriza.” “Rero nigiriye inama yo gusanga abakiri bato. Nakoranirije abana hamwe; uwo mugwi ni waguka, ni vyaboneka ko bumviriza, bavyishimiye, bibahimbaye, ko batahura kandi ivyo bigishijwe; nditeze bidatevye kuronka umugwi ugira kabiri, kandi muri iki kiringo abantu bakuze bazobona ko bibabereye kwicara hasi kandi bakiga. Igihe ibi bizoba bikozwe, tuzoba dushitse kuco twipfuza.” (L. Gaussen, Daniel the Prophet, vol. 2, Preface).IB 263.3

    Akigoro kiwe kamushikanye ku ntambwe ihambaye. Mu gihe yariko akorana n’abana, abantu bakuze baraje kwumviriza.Ibibanza mu rusengero yakoreramwo vyari vyuzuyemwo abantu bamuteze amatwi. Muri bo harimwo abantu bava mu miryango ihambaye kandi bafise ubumenyi buhagije; harimwo n’ingenzi hamwe n’abanyamahanga bagendeye Jeneve; kandi uko niko ubutumwa bwakwiragiye no tundi duce.IB 263.4

    Amaze kubona ko hari intambuko ashitseko, Gaussen yaciye asohora mw’icapiro ivyirwa yateguye, afise ivyizigiro vy’uko ibitabo vy’ubuhanuzi abantu bazovyijukira, bakavyiga na cane cane mu mashengero y’abantu bavuga igifaransa. Gaussen avuga ati: “Gusohora mw’icapiro inyigisho nateguriye abana, ni nko kubwira abakuze, naho usanga kenshi batitwararika ivyo bitabo bishimikije ivyitwazo bidafashe ngo ntivyumvikana.” “Vyoba bitumvikana gute kandi abana banyu babitahura?” Yarongeye ati: “Ico nipfuza kurusha ibindi ni uko aho bishoboka, ubumenyi mu vyo ubuhanuzi bwomenyerwa n’abizera.” “Nta nyigisho n’imwe vy’ukuri ku bwanje yishura ku buryo bubereye ku ngorane z’iki gihe.” “Iyi nyigisho niyo idushoboza kwitegurira ibihe vy’amagume bitwegereje cane, maze tukarereka kandi tukarindira Yesu Kristo.”IB 264.1

    N’aho yari umwe mu basiguzi badasanzwe kandi bakundwa mu bantu bakoresha ururimi rw’igifaransa, hari igihe Gaussen bamuhagaritse mu gikorwa ciwe, ata kindi bamuhoye uretse kumwagiriza ko aho kwigisha ikatikisimu y’ishengero, yo yashira imbere kwemera ivyo ubwenge bushobora gutahura, ntihe ikibanza ivy’ukwizera nyakuri, yakoresheje Bibiliya mu kwigisha abasore. Mu nyuma yarabaye umwigisha w’ishure ry'ivy’iyobokamana mu gihe, kw’iyinga, yabandanya ibikorwa vyiwe yigisha katikisimu, agahanura urwaruka kandi akarutoza indero yisunze Ivyanditswe. Ibikorwa vyiwe yaranguye mu gusigura ubuhanuzi no mu kwigisha vyashimishije benshi. Akoresheje ikibanza afise nk’umwigisha, abicishije mu macapiro kandi yifashishije igikorwa yishimira co kwigisha abana, yarabandanije imyaka myinshi kugira ubwaku bukomeye kandi yarabaye igikoresho catumye abantu benshi bitwararika kwiga ubuhanuzi bwerekana ko ukuza kw’umukiza kuri hafi.IB 264.2

    No muri Sikandinaviya naho ubutumwa bwo kugaruka kwa Kristo bwarigishijwe kandi abatari bake barabwitabiriye. Benshi barava mu mudamararo wo kwumva batekaniwe, bakatura ivyaha vyabo kandi bakabiheba, bakarondera imbabazi mw’izina rya Yesu. Ariko rero abarongozi b’ishengero ry’igihugu bararwanije ico gikorwa, kandi baradodobereje bamwe mu bamamaza ubwo butumwa maze barabapfunga. Mu bibanza vyinshi ahari abasiguzi bamamaza ivy’ukugaruka vuba kw’Umwami barababujije kuvuga; vyahimbaye Imana kuharungika ubutumwa mu buryo budasanzwe, ikoresheje abana bato. Kubera ko batari bwakwize imyaka yotuma babapfunga, amategeko y’igihugu ntiyashobora kubakurikirana, kandi bari barekuriwe kugira ico bashikiriza ataco binona. Na cane cane ubwo butumwa bw’ukugaruka kwa Yesu bwarahawe ikaze mu bantu babayabaye; wabusanga mu ngo z’abakozi bato bato ku buryo abantu baza ari benshi kwumviriza imburi. Abo bana basigura, benshi muri bo bari abo mu miryango ikenye. Benshi muri bo ntibari bwashikane imyaka itandatu canke umunani y’amavuko; kandi mu gihe ubuzima bwabo cari igishingantahe ko bakunda umukiza, kandi ko bariko baragerageza kubaho bubahiriza ivyo Imana ibasaba, ntibari baciye ubwenge cane kuruta abandi bana bo mu runganwe rwabo. Ariko rero, igihe baba bahagaze imbere y’abantu, vyari ibintu bibonekera bose ko hariho ubundi bushobozi bubasunika burengeye impano ndemanwa bafise. Ijwi n’inyifato vyabo vyarahinduka, maze bakoresheje inguvu ziboneka, bose bagatanga imburi y’igihe c’amateka, bakoresheje amajambo nk’uko aboneka mu Vyanditswe: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kuko igihe c’amateka yayo gishite.” Barateye ivyatsi ivyaha vy’abantu, badatunga urutoke gusa ubuhumbu no kugira nabi, ariko banabahambarira kubwo gukunda ivy’isi hamwe no gusubira inyuma; kandi bakabwira ababumviriza kunyaruka bagahunga uburake bwimana bugiye kuza.IB 264.3

    Abantu babumviriza bajugumira. Mpwemu wimana abagiriza yakoze ku mitima yabo. Benshi barongowe gusesangura Ivyanditswe bafise umwete mushasha n’ugushaka kwimbitse; abantu barahinduye inyifato yabo yo kutigerera no kugendera mu buhumbu; abandi baraheba burundu inyifato yabo yo guhemuka; kandi igikorwa kidasanzwe cararanguwe ku buryo abarongozi b’ishengero ry’igihugu vyabaye ngombwa ko bemera yuko ukuboko kwimana arikwo kuri inyuma y’ico gikorwa.IB 265.1

    Bwari ubugombe bwimana ko iyo nkuru nziza y’ukugaruka kw’Umukiza imenyekanishwa bidatevye mu bihugu vya Sikandinaviya; kandi igihe babuza abasuku bayo kuvuga, yashize Mpwemu wayo ku bana bato, kugira ngo igikorwa gishobore kurangurwa. Igihe Yesu yariko aregereza i Yerusalemu yakiriwe n’abantu isinzi banezerewe, batera akamo k’intsinzi kandi bazungagiza ibibabi vy’ibigazi, bamumenyekanisha nk’umwana wa Dawidi; Abafarisayo kubwo ishari baramusavye ngo abuze abo bantu kuvuga; ariko Yesu yishuye ko ivyo bariko babona ryari ishitswa ry’ubuhanuzi; kandi ko hamwe abo boba baretse kuvuga, amabuye ni yo yotangaza iyo nkuru. Abantu kubwo guterwa ubwoba n’Abafarisayo n’abatware, baciye bareka kugaragaza icese umunezero wabo igihe binjira mu marembo y’i Yerusalemu; ariko abana bari mu bibuga vy'urusengero baciye bitabira basubiramwo kandi bazungagiza amababi y’ibigazi bavuga bati: “Hoziyana mwana wa Dawidi”.(Matayo 21:8-16) Igihe Abafarisayo bitonganya bakamubaza bati: “Urumva ivyo bavuga?” Yesu yabishuye ati: “Egome, ntaho murasoma ngo mu kamo k’abana bato n’abonka waroranirijemwo ishimwe?” Nk’uko Imana yakoresheje abana bakamamaza ukuza kwa mbere kwa Kristo, ni nako yabakoresheje mu kwamamaza ubutumwa bw’ukugaruka kwiwe. Ijambo ryimana ritegerezwa gushitswa, ku buryo inkuru y’ukugaruka kw’umukiza itegerezwa kwamamazwa ikabwirwa abantu bose, indimi zose, n’ibihugu vyose.IB 265.2

    William Miller n’abo bakorana bari bahawe gushikana iyo mburi kuri Amerika. Iki gihugu cahindutse icicaro c’ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu. Aho ni ho ubuhanuzi bw’umumarayika wa mbere bwashikijwe hatabayeho gukikiriza. Ivyandiko vya Miller hamwe n’abo bafashanya vyarashitse no mu bihugu vya kure. Aho hose abavugabutumwa bari bashoboye gushika kuri iyi si, n’ubutumwa bwiza bw’uko Yesu agiye kugaruka vuba bwarahashikanywe. Ubutumwa bwiza butazoshira bwarashitse kure kandi mu bihugu bitandukanye, aho hose humvikanye aya majambo ngo “Mwubahe Imana, kandi muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo kiri hafi.”IB 265.3

    Igishingantahe c’ubuhanuzi bwatumbereza ku kugaruka kwa Kristo ku mutasuro w’umwaka wa 1844 cari cakoze cane ku mitima no ku vyiyumviro vy’abantu. Uko ubwo butumwa bwakwiragizwa intara zitandukanye zagenda zikurikirana mu kubumenya, ni nako ahantu hose abantu babaye nk’abikanguye bavuye mw’itiro, maze berekana bose ishaka ryo kubumenya. Benshi ntibari bagikekeranya: inyigisho ku biringo vy’ubuhanuzi barazemera, kandi baremeye guhindura ivyiymviro bahora bishimira maze bakira ukuri, barakwemera. Abakozi bimana bam we barahevye ivyiyumviro hamwe n’inyifato vyabatera kwitandukanya n’abandi, baraheba ubushirukabute bahora baronka mbere baraheba n’amashengero bari bamenyereye gusengeramwo, maze bifatanya n’abariko barakora igikorwa co kwamamaza ukugaruka kwa Yesu. Ariko rero ugereranije neza, abakozi b’ I mana bemeye ubu butumwa ban bake; kubera ivyo, abakoranabushake baritanze gusumvya abandi mu kurangura ico gikonva. Abarimyi barahevye amatongo yabo, abanyamyuga baraheba ibikoresho, abadandaza baraheba ibidandazwa vyabo, abahinga baraheba amabanga bari bajejwe; ariko igitigiri c’abakozi cagumye ari gito ugereranije n’igikorwa categerezwa kurangurwa. Ukuntu ishengero ritacubaha Imana ryari ribayeho hamwe n’ukuntu isi yari yiziziwe n’ikibi, vyaratuntuje imitima y’inderetsi z’ukuri; ku buryo bemera guca mu bihe bigoye, bakiyima kandi bakababazwa kugira ngo n’imiburiburi bashobore guhamagarira abantu kwihana ngo bakire agakiza. Igikorwa carabandanije naho satani yakirwanya, kandi ubutumwa bw'ukuri bujanye n'ukugaruka kwa Kristo bwarakiriwe n’abantu amasinzi n'ainasinzi.IB 265.4

    Ahantu hose, ico gishingantahe cari carabonetse kubwo gusesangura Ivyanditswe caratangwa abanyagihugu bakaburirwa baba abatwawe n’ivy’isi canke abanyeshengero kugira ngo bahunge uburake bugiye kuza. Nk’uko vyagenze kuri Yohana umubatizi, yarashinzwe kumenyesha abantu ko Ubwami bw’Imana buri hafi; abasiguzi bakubita incabiti yabo ku mizi y’igiti maze bakinginga abantu bose ngo bihane. Ukuntu bahamagara binginga, vyari bihushanije n’ubutumwa bw’amahoro n’umutekano bwashikirizwa ku ruhimbi abantu bari bamenyereye; kandi aho hose ubwo butumwa bwashikirijwe, bwarakoze ku mitima y’abantu babwumviriza. Igishingantahe gisanzwe ariko gitumbereye c'I vyanditswe, cashitse mu ngo kubwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera, cari gifise uburemere buhambaye bwo kwumvisha abantu ku buryo kitari ikintu coroshe kubwigiza inyuma. Abari basanzwe bigisha ivy’idini barikubise agashi basanga umutekano baririmba atari uw’ukuri. Bariboneye ubwabo ukuntu basubiye inyuma, ukuntu batwawe n’ivy’isi n’ingene batemera ubwibone bwabo hamwe n’ukwikunda. Benshi bararondeye Umwami mu kwihana hamwe no mu kwicisha bugufi. Ibigumbagumba bari basanzwe bafitiye ivy’isi vyahavuye bisubirirwa no kwitwararika ivy’ijuru. Mpwemu w’Imana yabururukiyeko, maze kubwo kworoshwa kw’imitima yabo no kwemera kurongorwa, bifadikanya n’akamo kariko karasemerera ngo: “Mwubahe Imana, kandi muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo gishitse.”IB 266.1

    Abanyavyaha barabajije barira bati: “Nokora iki kugira ngo nkizwe?” Abantu ubuzima bwabo bwari bwararenzwe no kudakorera mu muco baragize ibibazo vyo gusubiza ivyo batwaye. Abo bose baronse amahoro muri Kristo bari barajwe ishinga no kubona basangira imigisha n’abandi. Imitima y’abavyeyi yari yasanganijwe n’iy’abana babo; kandi iy’abana nayo isanganywa n’iy’abavyeyi babo. Inzitizi z’ubwibone n’ukudashikirana zari zeyuwe. Abantu barashinga intahe ivuye ku mutima, kandi abantu bagize umuryango bakora bitwararika agakiza k’ababanyi hamwe n’abo bakunda. Kenshi warumva ijwi ry’abantu basenga binginga. Ahantu hose hariho imitima yinginga Imana ifise agahinda. Benshi bararaye ijoro ryose basenga kugira ngo baronke ikimenyamenya ko ivyaha vyabo vyahariwe canke kugira ngo ababanyi n’abaryango bahindukjrire Imana.IB 266.2

    Abatunzi n’abakene, abato n’abakuze bitabira ku bwinshi amakoraniro bigishirizamwo ivyo ukugaruka kwa Yesu. Bose baritaba ayo makoraniro basunitswe n’imvo zitandukanye, barajwe ishinga no kwiyumvira bo ubwabo inyigisho yerekeranye n’ukugaruka kwa Yesu. Umwami yarafashe mpiri agatima ko kurwanya igikorwa ciwe mu gihe abasuku biwe bariko barasigura impamvu z’ukwizera kwabo. Rimwe na rimwe, abo Umwami yakoresha ban abantu b’intege nke; ariko Mpwemu w’lmana yatanga ubushobozi ku kuri kwayo. Abamarayika bera baba bashagaje muri ayo makoraniro, kandi abemera barushirizaho kwiyongera ku musi ku musi. Kubera ko ibimenyamenya vy’ukugaruka vuba kwa Yesu vyama vyagarutsweko, amakoraniro yagutse yarumviriza mu gacerere amajambo ashikirizwa icese. Isi n'ijuru ni nk’uko vyatera vyegerana. Ubushobozi bw’Imana bwaraboneka ku bakuze, ku basore no ku bakiri bato. Abantu bataha mu ngo zabo iminwa yabo igenda itazira Imana; kandi indirimbo zabo zarumvikana no mw’ijoro hagati. Mu bantu bagiye muri ayo makoraniro, nta n’umwe yashoboye kwibagirwa ivyo bihe bihambaye vy’ingirakamaro.IB 266.3

    Ukumenyesha igihe runaka Kristo azogarukirako vyatumye habaho ukuvuguruzanya hagati y’abantu, kuva ku muvugabutumwa ari ku ruhimbi gushika ku munyavyaha ari inyuma y’abandi. Amajambo y’ubuhanuzi yari ashikijwe: “Mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana bakurikira ukwipfuza kwabo, babaza bati isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe? Kuk’uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye kukuremwa kw’isi.” ( 2Petero 3: 3, 4) Abantu bemanga ko bakunda Umukiza, bamenyesheje ko bashigikiye inyigisho yerekeranye n’ukugaruka kwa Kristo, ariko bahakanye gusa ko habaho igihe runaka azogarukirako co kwemeza. Ariko ijisho ry’Imana ribona vyose ryasomye mu mitima yabo. Ntibashaka kwumva ko Kristo azogaruka gucira isi urubanza rugororotse. Bari babayeho ari abasuku batagira ukwizera, ibikorwa vyabo ntivyari gushobora guhangara ubugenduzi bw’Imana busesangura imitima, kandi baratinya guhura n’Umwami wabo. Nk’uko ba Bayuda bari bameze ubwa mbere, ntibari biteguye guha Yesu ikaze. Ntibanse gusa kwumviriza ibishingantahe bishingiye kuri Bibiliya, ahubwo barifatira no mu gahanga ababa bariko barondera Umwami. Satani n’abamarayika biwe banezerezwa no kubona ibintu nk’ivyo, bakihaya mu maso ya Kristo n’abamarayika bera bigamba ko abemanga ko bakunda Umwami ata rukundo ruhambaye bamufitiye ku buryo mbere batifuza n’uguseruka kwiwe.IB 267.1

    Ikintu abanse kwakirana ukwizera inyigisho y’ukugaruka kwa Yesu bashira imbere ni uko: ” Ata muntu n’umwe azi umusi canke isaha” y’ukuza kw’Umwami. Handitswe ngo: “Arik’uwo musi canke iyo saha nta wubizi, ni yo boba abamarayika bo mw’ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.”( Matayo 24: 36) Insiguro y’iki gisomwa itomoye kandi iri ku murongo yaratanzwe n’abariko barondera Umwami; kandi insiguro itari yo abarwanya iyo nyigisho batanga yarashizwe ahabona. Hari amajambo Yesu yashikirije muri ca kiganiro ntibagirana yagiranye n’abigishwa biwe ku musozi wa Elayono, aho ubwa nyuma yari asohotse avuye mu rusengero. Abigishwa bari bamubajije iki kibazo: “Ikimenyetso kizoba iki c’ ukuza kwawe n’icumuhero w’isi ”? Yesu yaberetse ibimenyetso aravuga ati: “Nuko namwe nimwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw’ari hafi, ku rugi.” ( Matayo 24: 3, 33) Amajambo Yesu yashikirije ntasamburana. N’ubwo ata muntu n’umwe azi umusi canke isaha y’ukugaruka kwiwe; twarigishijwe kandi turasabwa kugenzura kugira ngo tumenye ko igihe cegereje. Hamwe n’ivyo turongera tukabwirwa ko gukengera iyo mburi, kandi tukanka canke tugafata minenengwe kumenya ko ukugaruka kwiwe kuri hafi; bizogira ingaruka mbi kuri twebwe nk’uko vyashikiye ababayeho mu gihe ca Nowa batashoboye kumenya igihe umwuzure wari uje. Muri ico gice nyene, muri uwo mugani, umusuku w’umwizigirwa n’uwutari umwizigirwa barashizwe ahagaragara ku buryo buhushanije kandi n’uguhona kurindiriye uwo yibwira mu mutima wiwe ati: “Umwami wanje aratebeje ukuza kwiwe” kwarerekanywe. Uwo mugani uratanga umuco ku kugene Yesu abona abantu n’ukuntu azoha impera abo azosanga bareretse, kandi bigisha ukuza kwiwe hamwe n’abo bazoguhakana. Yavuze ati: “Nuko mwame mugavye”. “Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora atyo”. (Matayo 24: 42, 46) “Nuko rero n’utaba maso nzoza nk’igisuma nawe ntuzomenya igihe nzokwubira.”(Ivyahishuriwe Yohana 3: 3)IB 267.2

    Paulo aravuga ivy’abantu bazoshikirwa giturumbuka n’uguseruka kw’Umwami. “Umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma kiza mw’ijoro. Aho, bazoba bavuga bati har’amahoro, nta nkomanzi, ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka... kandi ntibazokwikiza na gatoya.” Ariko iki ni co yongera kuri abo bazoba bafashe nkama imburi y’Umwami. “Ariko mweho bene Data ntimuri mu mwiza ng’uwo musi ububire nk’igisuma kuko mwese mur’abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntitur’ab’ijoro cank’ab’umwiza.” (1 Ab’itesalonike 5:2-5)IB 268.1

    Uko ni ko vyagaragaye ko Ivyanditswe bitorekurira umuntu n’umwe kuguma mu butamenya ku bijanye n'ukwegereza kw’ukugaruka kwa Yesu. Ariko abipfuza icitwazo conyene kugira ngo ukuri baguce I ruhande baziba amatwi yabo ngo ntiyumve izo nsiguro; kandi aya majambo “nta n’umwe azi umusi canke isaha” akomeza guhererekanwa n'abakengera ivy’ukugaruka kwa Yesu mbere no mu bantu bemanga ko bakorera Kristo. Mu gihe abantu bava hasi bagatangura kurondera inzira y’agakiza, abarongozi b’amadini bahagaze hagati yabo n’ukuri, barondera guhwamika ubwoba bwabo mu guha ijambo ryimana insiguro atari yo. Inderetsi atari izo kwizigirwa zifatanije n’umubeshi akomeye mu gikorwa ciwe zikama zisemerera ziti: ‘’Amahoro , amahoro”, kandi Imana itavuze ko ari igihe c’amahoro. Nk'uko vyashikiye Abafarisayo mu gihe ca Yesu, abantu benshi ubwabo baranse kwinjira mu bwami bw’ijuru, kandi bongera babuza abariko barabwinjiramwo. Amaraso y’abo bantu azobazwa ibiganza vyabo.IB 268.2

    Abantu babaye mu bambere mu kwakira ubutumwa wasanga ari abarusha abandi guca bugufi no kwitanga mw’ishengero. Abantu biga Bibiliya bashaka kwunguka ubumenyi basanga ivyiyumviro rusangi abantu bafise ku buhanuzi atari vyo; kandi aho hose abantu batari munsi y’igitsure c’abapatiri, aho hose bashobora gusesangura bo ubwabo Ivyanditswe Vyera, ubutumwa bwerekeranye n’ukugaruka kwa Yesu bwari bukeneye kugereranywa nivyanditswe kugira ngo biboneke ko bwarungitswe buvuye mw’ijuru.IB 268.3

    Abantu benshi barahamwa n’abavandimwe babo batizera. Kugira ngo bagumane ibibanza bari bafise mw’ishengero, bamwe bahisemwo kunuma ku bijanye n’ivyizigiro bafise; ariko abandi biyumviyeko ukugamburukira Imana kwabo kubabuza kuba bonyegeza ukuri yabashinze kumenyekanisha. Abantu bake baraciwe mu mashengero ata kindi babahoye uretse kuba bagaragaje ukwizera kwabo ku bijanye no kugaruka kwa Kristo. Ku bantu baciye muri izo ngorane kubwo ukwizera kwabo, aya majambo akurikira y’umuhanuzi yari abafitiye agaciro gahambaye. “Bene wanyu babanka bakabaca babahoye izina ryanje baravuze ng’uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turabe umunezero wanyu. Ariko bo bazomaramara.” (Yesaya 66: 5)IB 268.4

    Abamarayika b’Imana bariko bararabana igishika cinshi inkurikizi y’iyo mburi. Aho wasanga muri rusangi amashengero yanse kwakira ubwo butumwa, abamarayika bahatera umugongo bafise agahinda. Ariko abantu batari bwavugururwe kubwo ukwo kuri kw’ukugaruka kwa Kristo bari bakiri benshi. Abantu benshi bahubishijwe n’abagabo, abagore, abavyeyi canke abana; bababwira ko gutega amatwi izo nyigisho z’ivyaduka nk’uko zashikirizwa n’abategereje cari icaha. Abamarayika bari basabwe kudakura ijisho kuri abo bantu kuko hariho uwundi muco wagomba kubamurikira uvuye ku ntebe y’Imana.IB 269.1

    Abari bakiriye ubwo butumwa bareretse ukugaruka kw’Umwami wabo bafise igishika utoronka uko wokigenekereza. Igihe bari biteze kubonana nawe cari hafi cane. Bari biteze gush iki ra iyo saha batekaniwe ku buryo budasanzwe. Bayirindiriye bashikirana n’Imana kandi buzuye amahoro yari kuzobaranga no mu buninahazwa buri imbere bari biteze. Nta muntu yigeze kugira ivyo vyizigiro n’ukwo kwizera yoshobora kwibagira ingene ayo masaha yo kurindira yari ahambaye. Imbere gato y’ico kiringo, abagwizatunga bamwe bahagaritse imirimo yabo igihe kingana n’amayinga atari make. Abizera babushitse baragendereza bitonze iciyumviro cose hamwe n’ikigumbagumba c’imitima yabo nk’uko boba baryamye ku gitanda ata kindi biteze atari urupfu canke nk’uko boba basigaranye amasaha make gusa maze amaso yabo ntazongere kubona ibibera kw’isi. Nta n’umwe muri bo yari arajwe ishinga nk'uko bahavuye babibagiriza no gusonesha impuzu yari kwambarwa muri urwo rubanza rwo kuduganwa mw’ijuru. Ahubwo bose bumva muri bo bakeneye kuronka ikimenyamenya c’uko biteguye gusanganira Umukiza; amakanzu yabo yera kwari ukugira umutima udahumanye - kamere yahanaguwe icaha n’amaraso akiza ya Kristo. Mbega ukuntu vyohimbara Imana iyaba abavuga muri kino gihe ko bagize ubwoko bw’Imana bari bafise ako gatima ko kurimbura, iryo shaka n’ukwo kwizera vyaranze abantu b’ico gihe. Iyo babandanya guca bugufi bo ubwabo imbere y’Umwami kandi bakama bashikirije imitwaro yabo ku ntebe y’imbabazi, bari kuronswa ku buryo bwagutse ibihe vy’impemburo biruta kure ivyo barimwo ubu. Abantu bafise umwete muke wo gusenga, gutahura kandi ukemera ko uri umunyavyaha biracari bito cane, kandi ukubura ukwizera gushitse gutuma benshi babaho badafise ubuntu bwatanzwe ku buryo bwagutse n’umucunguzi wacu.IB 269.2

    Imana yari ifise umugambi wo kugosora abantu bayo. Ukuboko kwayo kwari kwapfutse ikosa ryari ryabaye mu guharura ibiringo bijanye n’ubuhanuzi. Abategereje ntibari bashoboye kubona iryo kosa, nta n’ubwo ryari ryashoboye kumenywa n’uwarusha abandi ubumenyi mu babarwanya. Aba nabo bavuga bati: “ibiharuro mwakoze ku bijanye n’ ibiringo vy’ubuhanuzi biratomoye. Hariho ikintu gihambaye citezwe kuzoshika; ariko si ico umushingantahe Miller yatanze nk’imburi; ni isi izohinduka kubwo kwihana, ntabwo ari ukugaruka kwa Kristo.IB 269.3

    Igihe co kurindira cararenganye kandi Kristo ntiyagarutse ngo akize abantu biwe. Abantu bafise ukwizera atari ukwo uburyarya n’urukundo atari urwo uruheyiheyi bari barindiriye Umwami wabo, baguye mu gahundwe baratuntura umutima. Egome ni vyo, umugambi w’Imana wari washikijwe; imitima y’abo berekana ko barajwe ishinga no guseruka kwiwe yari yagosowe. Muri bo hariho benshi ata yindi mpamvu ihambaye yari yabasunitse uretse ubwoba. Ukuntu bagaragaza ukwizera kwabo nta bwaku vyari vyagize ku mitima no ku buzima bwabo. Igihe ivyo bari biteze ko bishika vyari binaniranye, abo bantu baciye bamenyesha ko bitabaciye intege ntibari bigeze bizera na rimwe ko Kristo yoshobora kugaruka. Babaye mu ba mbere banebagura agahinda abizera b’ukuri bariko bumva.IB 269.4

    Ariko Yesu hamwe n’ababa mw’ijuru bose barabana urukundo n’impuhwe abo bizera b’abizigirwa bariko baragosorwa kandi bacitse intege. Iyo igihuzu gikingiriye iyi si tubona ceyurwa, twari kubona abamarayika bariko baregera iyi mitima idahugumba kugira ngo bayikingire kandi bayitwikire ntishikirwe n’ingoyi y’ubumara ya Satani.IB 270.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents