Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 21 - Imburi Yirengagijwe

    Mu kumenyekanisha inyigisho y’ukugaruka kwa Kristo, William Miller hamwe n’abamufasha bari bakoze bisunze intumbero imwe yonyene yo kubona habaho umuvyuro mu bantu bakitegurira igihe c’amateka. Bari barajwe ishinga no gukangura abigisha b’ivy’idini ngo bamenye ivyizigiro vy’ukuri vy’ishengero kandi babeho ubuzima rukristo bwimbitse; bakora kandi uko bashoboye kugira ngo bakangurire abatizera ko bahamagarirwa kwihana hakiri kare kandi bagahindukirira Imana. Ntibagerageje guhindura abantu ngo baje mu kagwi katazwi canke ngo bagire uruhande begamiye mw’idini. Kubera ico, bakoranye n’imigwi hamwe n’impande zose, ata n’umwe binjiriye mu nteguro canke mu kuntu yitwararika ivyo indero batoza abayoboke babo.IB 270.2

    Miller yavuga ati: “Mu bikorwa vyanje vyose sinigeze nipfuza canke niyumvira gushinga ishengero uko ryoba riri kwose ritandukanye n’ayari ahasanzwe, canke ngo nkundwakaze rimwe ndarirutishe irindi. Nibaza ko nokwunganira amashengero yose. Nari niteze ko abakristo bose bazonezezwa no kwumva ko Kristo agira agaruke, kandi ko abo batazoshobora kubona nk’ivyo mbona batazokwigera binuba abazoba bakiriye ubwo butumwa; sinigeze niyumvira ko biba ngombwa na rimwe kugirisha amakoraniro atandukanye. Intumbero yanje cari icipfuzo co guhamagarira imitima kugaruka ku Mana; kumenyesha isi ko igihe c’amateka gishitse kandi no guhimiriza abantu nkanje gutegura imitima yabo kugira ngo ivyo bizobashoboze guhura n’lmana yabo mu mahoro. Uruhande runini rw’abo bari bihanye kubera ibikorwa naranguye baciye bifatanya n’amashengero yari ahasanzwe”. (Bliss page 328).IB 270.3

    Kubera ko igikorwa ca Miller cari gitumbereye gukomeza amashengero, harabaye igihe bakiraba bishimye. Ariko kubera ko abakozi b’Imana hamwe n’abarongozi b’amadini bafashe ingingo yo kurwanya inyigisho zo kugaruka kwa Yesu kandi bakarondera ingene iyo nyigisho itokwongera kuvugwa; ntibayirwanije uhereye ku ruhimbi gusa ahubwo baranabujije abizera babo ko bokwitaba amakoraniro aho basigura ivyo ukugaruka kwa Yesu, canke ngo mbere babe bonavuga ivy’ivyizigiro vyabo igihe baba bakoranye n’abandi banyeshengero. Ivyo rero vyatumye abanyeshengero basanga bugaraniwe hagati y’amadidane akomeye hamwe no gukekeranya. Amashengero yabo bari bayakunze ku buryo bumva batokwitandukanya nayo; ariko kubera ko babona igishingantahe c’ijambo ryimana hariho abagomba kukizimanganya kandi bakabona barabankira uburenganzira bwo gutohoza ivyo ubuhanuzi; babonye ko ukugamburukira Imana kwabo kutobarekurira kurera amaboko. Abari barondeye guhanagura igishingantahe c’ijambo ry’Imana ntibari gushobora kwongera kubabona nk’abagize ishengero rya kristo, “inkingi n’ishimikiro ry’ukuri”. Rero babonye ko ari ikintu cumvikana ko bokwitandukanya n’ishengero bahoramwo. Ku gatasi kw’umwaka wa 1844, hafi y’abantu ibihumbi mirongo itanu barasohotse mu mashengero barimwo.IB 270.4

    Muri ico gihe harabayeho ihinduka riboneka mu mashengero menshi yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Hari harabayeho, mu kiringo c’imyaka itari mike, ukwifatanya n’imigenzo hamwe n'akamenyero k’isi kwari kwagiye kuriyongera buhoro buhoro ariko kudasubira inyuma kandi ivyo vyari bifise ingaruka kugutituka kw’ubuzima mu vya Mpwemu; ariko muri uyo mwaka hariho ibimenyamenya vy’uko mu minota mike, hafi mu mashengero yose yo mu gihugu ibintu vyari vyasubiye inyuma. N’ubwo ata muntu n’umwe yoshobora kumenya imvo, ariko vyaragaragara ku buryo buboneka hose; kandi haba ku ruhimbi canke mu binyamakuru ni yo nkuru yahanahanwa.IB 271.1

    Igihe kimwe, Ishengero “Presyterienne” ryatunganije inama yabereye i Filadelfiya. Umushingantahe Barmes yafashe icegeranyo cayo cakoreshejwe hirya no hino akaba kandi yari n'umupasitori wa rimwe mu mashengero yari ahambaye yo muri ico gisagara, “yavuze ko amaze imyaka mirongo ibiri ari mu gikorwa kandi ko atari bwigere abona igitigiri c’abo asangiza ciyongera canke kigabanuka uretse ku ngaburo yera yari iherutse kuba. Biragaragara ko ubu nta muvyuro uriho, nta kwihana biriho, nta gukura cane mu vy’ubuntu biboneka mu bantu, kandi nta muntu n’umwe akiza kumuganirira ivy’agakiza k’umutima wiwe. Abantu batwawe n’urudandaza, kandi biteze ko ugucuruza hamwe n’amahinguriro bibazanira akarusho gaca ibibatsi; ugusarishwa n’ivy’isi kugenda kwiyongera; uko ni ko vyari bimeze mu mashengero yose.” (Congregational Journal, May 23, 1844)IB 271.2

    Mu kwezi kwa Ruhuhuma k’uwo mwaka nyene, Finney, umwigisha wo muri kaminuza y’i Oberlin yaravuze ati: “Vyaragaragaye imbere y’amaso yacu, ko muri rusangi, amashengero y’abaprotestanti yo mu gihugu cacu, nk’uko bizwi, wasanga hamwe abuze ishaka canke naho ugasanga ararwanya amahinduka mu vyo inyifato runtu y’ico gihe. Amashengero makeya gusa ni yo wasanga ari ku murongo ku buryo muri rusangi ayo ataco yahindura ku vyari bisanzwe bivugwa. Hariho mbere n’ikindi kintu kivyemeza: kubona mu mashengero hafi ya yose adashikirwa n’ubwaku bw’umuvyuro udasanzwe. Hariho ubunebwe bwimbitse mu vya Mpwemu kandi burateye ubwoba; ibinyamakuru vyo mu mashengero yo mu gihugu cose biravyemeza... Ku buryo bitari bimenyerewe, abizera b’ishengero baratwawe n’ibiharawe - bifatanije n’abatubaha Imana mu nteguro zo kubanezereza, mu nteguro zo gutamba no mu misi mikuru... Mbere ntibikenewe ko duhagarara kuri iyi nkuru ibabaje. Birakwiriye gusa ko tuvuga, kandi ivyo birushiriza kugaragara ku buryo buremereye ko muri rusangi, amashengero ku buryo buteye agahinda agenda asubira inyuma. Yagiye kure cane y’Umwami, kandi nawe yarayazibukiriye.”IB 271.3

    Umwanditsi w’ikinyamakuru Religious Telescope yashinze intahe avuga ati: “Ntitwari bwigere tubona ishengero risubira inyuma nk’ibirenge nk’uko tubibona ubu. Mu vy’ukuri ishengero rikwiriye kwikangura, kandi rirondere kumenya impamvu y’uyu mubabaro; kuko ni umubabaro umuntu wese akunda Siyoni ategerezwa kubona. Iyo twibutse mu bwenge bwacu ingene abihana ari bake cane n'ingene tubona ahubwo ukutagondwa n’ugukomantaza imitima kw’abanyavyaha, usanga twashatse kuvuga tutabizi tuti: “Mbega Imana yoba yaribagiye kuba umunyabuntu? Canke urugi rw’imbabazi rwoba rumaze kwugarwa?IB 272.1

    Ibintu nk’ivyo ntibishobora gushika hatari impamvu mw’ishengero nyene. Umwiza mu vya Mpwemu wahwikiye amahanga, amashengero hamwe n’abantu, ntufatiye ku kuntu Imana yoba yakuyeho ubufasha bw’ubuntu bwayo, ariko ufatiye ku gufata minenengwe no kwirengagiza umuco w’Imana vyaranze abantu. Akarorero gakora ku mutima k’ukwo kuri kaboneka mu mateka y’ubwoko bw’Abayuda mu gihe ca Kristo. Kubwo umwitwarariko wabo w’ivy’isi no kwibagira Imana hamwe n’ijambo ryayo, ugutahura kwabo kwatwikiriwe n’umwiza, imitima yabo nayo itwarwa n’ivy’isi hamwe n’ibinezera amaso n’umubiri. Uko ni ko babayeho batazi ivy’ukuza kwa Mesiya, maze mu bwibone bwabo hamwe no mu kutizera bihakana Umucunguzi. Ariko naho nyene Imana ntiyabujije ubwoko bw’Abayuda kuyimenya canke kugira uruhara ku migisha y’agakiza. Ariko abo bose banse kwakira ukuri baciye batakaza icipfuzo c’ingabire yo mw’ijuru. Bari bakavye “Umuco n’umwiza, umwiza bawusubiriza umuco” gushika aho umuco wari muri bo wahindutse umwiza; mbega ingene uwo mwiza wari umuzitanya!IB 272.2

    Ibi bijanye n’ivyo Satani yipfuza ko abantu baboneka ko ari abanyedini ariko badafise agatima ko gukunda Imana. Abayuda bamaze kwanka kwakira ubutumwa bwiza, babandanije n’ishaka ryinshi bubahiriza imigenzo ya kera, barajwe ishinga no kwifata nk’ubwoko budasanzwe mu gihe bo ubwabo ata kindi kintu bari gushobora kwemeza uretse kubona ko Imana itari ikiri hagati muri bo. Ubuhanuzi bwa Daniyeli bwatumbereza ata kwihenda kurimwo ku gihe c’ukuza kwa Mesiya; bwaranamenyesha imbere y’igihe ivy’urupfu rwiwe, ku buryo abantu babuzwa kubwiga; kandi mu nyuma abarongozi mu vy’idini bahavuye basabira umuvumo umuntu azohirahira ngo yimenyereze guharura ibijanye n’ubwo buhanuzi. Muri ubwo buhumyi hamwe no mu kuba intagondwa, ubwoko bwa Isirayeli mu binjana vyagiye bikurikira bwabayeho butarajwe ishinga n’ingabirano z’agakiza, budatahura imigisha y’ubutumwa bwiza; ivyo navyo bikaba vyari ikimenyamenya kigaragara kandi giteye ubwoba c’ingaruka zo kutakira umuco uvuye mw’ijuru.IB 272.3

    Ahantu hose habaye inyifato nk’iyo, n’ingaruka zizokurikira zizomera uko. Umuntu abigira nkama akanka kwisunga ivyo yemera kuko bihushanye n’ivyo yipfuza azohava inyuma ya vyose atakaza ubushobozi bwo gutandukanya ukuri n’ikinyoma. Ugutahura gutwikirwa n’umwiza, umutimanama urakabirana, umutima uhinduka nk’ibuye, maze umuntu agatandukana n’Imana. Aho hose ubutumwa bw’ukuri kw’Imana bukengerwa canke bugafatwa minenengwe, ishengero rica ritwikirwa n’umwiza; ukwizera n’urukundo biratimba; ukutumvikana no kwicamwo ibice bihabwa ikibanza. Abayoboke b’ishengero bashira inyungu zabo hamwe n’ivyo baha agaciro mu gukurikirana ivy’isi, kandi abanyavyaha barakomantaza imitima bakaba intagondwa.IB 272.4

    Ubutumwa bw’umumarayika wa mbere wo mu Vyahishuriwe Yohana 14, bwamamaza igihe c’amateka y’Imana kandi buhamagarira abantu kwubaha Imana no kuyihimbaza, bwari bwatanzwe kugira ngo bemange ko ubwoko bw’Imana bwitandukanya n’ibintu vy’isi bihumanya kandi bagahaguruka bakaraba ingene batwawe n’ivy’isi n’ukuntu basubiye inyuma. Muri ubu butumwa, Imana yari yarungikiye ishengero imburi, iyo iza kuba yaremewe, bari kuba barikosoye bakitandukanya n’ibibi bituma baba kure y’Imana. Iyo bakira ubutumwa buvuye mw’ijuru, bagacisha bugufi imitima yabo imbere y’Umwami kandi bakarondera ata buryarya kwitegurira guhagarara imbere yiwe, Mpwemu n’ubushobozi bw’Imana vyari kubabonekako. Ishengero ryari kwongera gushikira kandi urugero ruhezagiwe no kurangwa n’ubumwe, ukwizera n’urukundo vyaboneka mu misi y’intumwa aho abizera “bari bahuje umutima n’inama kandi.. .bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga”; igihe “Umwami Imana yama abongera imisi yose abama barakizwa”. (Ivyakozwe n'intumwa 4 :32, 31; 2:47.)IB 273.1

    Iyo abiyita ko ari abantu b’Imana baba barakiriye umuco nk’uko ubamurikira uvuye mw’ijambo ryayo, bari gushika ku rugero rwo kwigana bwa bumwe Yesu yasengera, ubwo intumwa yavuzeko aya majambo, “Mushishikare kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w’amahoro. Harih’umubiri umwe na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ ihamagarwa ryanyu. Harih’Umwami umwe n’ukwizera kumwe, no kubatizwa kumwe”. (Abanyefeso 4:3-5)IB 273.2

    Izo ni zo nkurikizi zihezagiye zashikiye abakiriye ubutumwa bw’ukugaruka kwa Yesu. Bavuye mu mashengero atandukanye kandi inzitizi z’amadini bari baje bavamwo bazisenyuriye hasi; ubudasa bw’ivyo bigisha barabuhonyanze bucika ubunwenwe; ivyizigiro bitaboneka mu Vyanditswe vy’igihe c’imyaka igihumbi barabihevye; indoto atari yo ku bijanye n’ukugaruka kwa Yesu barayikosoye, ubwibone hamwe n’ukwifatanya n’isi vyarazimanganye; amakosa yaragorowe; imitima yarunzwe mu guhuza abavukanyi; kandi urukundo n’amahoro vyahawe inganji. Kubona iyi nyigisho yabereye ngirakamaro abantu bakeya bayikurikiye, yari gufasha n’abantu benshi iyo bayisunga.IB 273.3

    Yamara rero amashengero muri rusangi ntiyakiriye iyo mburi. Abavugiramana bo muri ayo mashengero, bari kuba bari nk’inderetsi “ku nzu ya Isirayeri”, ni bo bari kuba babaye aba mbere mu kugendereza ibimenyetso vy’ukuza kwa Yesu, barananiwe no kumenya ukuri baba bafatiye k'ugushinga intahe kw’abahanuzi canke ku bimenyetso vy’ibihe. Kubera ko ivyizigiro n’ivyipfuzo vy’isi vyari vyuzuye imitima yabo, gukunda Imana hamwe no kwizera ijambo ryayo vyari vyatimvye; kandi igihe inyigisho yo kugaruka kwa Yesu yariko irashikirizwa, yakabuye vyonyene muri bo urwitwazo hamwe no kutizera. Kubera ko ubwo butumwa ahanini bwari bwamamajwe n’abakoranabushake, ico conyene catumye baburwanya. Nk’uko vyabaye kera, igishingantahe kitagabanije c’ijambo ry’Imana carashitsweko hatabanje kubaho kurondeza. Hari umuntu n’umwe mu barongozi canke mu bafarisayo yizeye’? Kandi babonye ko atari ikintu coroshe guhakana ibimenyamenya duhabwa n’ibiringo vy’ubuhanuzi, benshi bigisha ko ibitabo birimwo ubuhanuzi vyugaye kandi ko ata kuntu umuntu yobitahura. Abantu benshi, kubwo ukwizigira batarimbuye ikintu na kimwe aba pasitori babo, baranse kwumviriza imburi; abandi nabo, n’ubwo bari bemeye ko ari ukuri, baranse guhirahira ngo bemange, batinya ko bohava “babasohora mw’isinagogi”. Ubutumwa Imana yari yararungitse kugira ngo bugosore kandi buhumanure ishengero bwarerekanye ku buryo buboneka ukuntu igitigiri kinini c’abantu cari gishize umutima ku vy’isi aho gushira umutima kuri Kristo. Imigenderanire bari bafitaniye n’isi yari ihambaye gusumvya uko bemerera ijuru ngo ribakwegakwege. Bahisemwo kwumviriza ijwi ry’ubwenge bw’isi maze bigiza kure ubutumwa bw’ukuri busesangura imitima.IB 273.4

    Aho banka imburi y’uwo mumarayika wa mbere, bari bateye umugongo uburyo ijuru ryari ryateguye ngo ribatyorore. Barakengereye intumwa yuzuye impuhwe yari gushobora gukosora ibibi vyabatandukanya nimana, maze bafise igishika cinshi, barahindukira barondera ingene bokwikundwakaza mw’isi. Aha ni ho hari ishingiro riteye ubwoba ry’ukwo gukunda ivy’isi, ugusubira inyuma, n'urupfu mu vya Mpwemu, vyabonetse mu mashengero mu mwaka wa 1844.IB 274.1

    Mu gice ca 14 c'lvyahishuriwe Yohana, umumarayika wa mbere akurikirwa n’uwugira kabiri asemerera ati: “Kirakomvomvotse,kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye cateretse amahanga yose vino niyo burake bw’ubushakanyi bwaco” ( Ivyahishuwe 14:8) Ijambo “Babuloni” rivuye mw’itsitso “Babeli” kandi risigura ngo “uruvange rudatomoye”. Mu Vyanditswe, iryo jambo ryerekana imero zitandukanye z’ishengero y’ikinyoma canke ryihakanye Imana. Mu Vyahishuwe 17, Babuloni igereranywa n’umugore - imvugo ikoreshwa muri Bibiliya nk’ikimenyetso c’ishengero, umugore w’akaranga agereranya ishengero ritiyanduje; umugore w’ikibi agereranya ishengero ryataye ivyizerwa.IB 274.2

    Muri Bibiliya, imigenderanire idasanzwe kandi yamaho hagati ya Kristo n’ishengero ryiwe igereranywa n’ubumwe mu kwabirana. Umwami yifatanije n’abantu biwe akoresheje isezerano ritomoye; yasezeranye ko azobabera Imana nabo bamwemerera ko bazoba abantu biwe, kandi abiwe wenyene. Aravuga ati: “Kandi nzokwikwerera ube uwanje ibihe bidashira; mbere nzokwikwerera mu bugororotsi no mu kuroranya no mukugira neza no mu mbabazi.”(Hoseya 2: 19) Kandi arongera ati: “Jewe ndi umugabo wanyu.”(Yeremiya 3 : 14) Kandi na Paulo iyo niyo mvugo akoresha mw’isezerano risha iyo avuga ati : “Nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.”( 2 Ab’ikorinto 11:2)IB 274.3

    Ukutizigira kw’ishengero rya Kristo mu kwemera gukura kuri Yesu icizere n’urukundo ryari rimufitiye; maze rikemerera ugukunda ivy’isi kukaronka ikibanza mu mitima, bigereranya no kuva mw’isezerano ryo kwabirana. Icaha ca Isirayeli co kuba yaritandukanije n’Umwami gishikirizwa hakoresheje iyi mvugo; kandi urukundo rutangaje bakengereye rwimana rwerekanwa muri ubu buryo bukora ku mutima : “Narakurahiye nsezerana nawe isezerano ucika uwanje, ni k’Umwam'Uhoraho agize”. “Kandi wari n’akaranga bihebuje uraroranirwa ushitsa no ku kwamikara ucika rurangiranwa mu mahanga kubw’ubwiza bwawe, kuko bwagizwe agahore n’icubahiro canje nagushizeko.... Ariko wishimiye ubwo bwiza bwawe wihindura maraya ubitewe n’uko wabaye rurangiranwa ugasambana n’uhise wese, ukaba uwiwe ” “Ariko nkuk’umugore aryaruka umugabo wiwe akamuta uko niko namwe mwandyarutse, mwebwe ab’inzu ya isirayeli, ni jewe Uhoraho mbivuze.” “Ewe wa mugore usambana kandi ufise uwawe!” Ukemerera impirahisi mu gishingo c’umugabo wawe! (Ezekiyeli 16 : 8, 13-15,32 Yeremiya 3:20)IB 274.4

    Mw’isezerano risha, hakoreshejwe imvugo nk’iyo mu guca amahano abiyita ko ari abakristo ariko bagakunda ivy’isi kubirutisha ubuntu bw’Imana. “Yemwe basambanyi, ntimuzi y’uko gucudika n’isi ari ukwankana n’Imana ? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba abaye umwansi w’Imana.” (Yakobo 4: 4) IB 275.1

    Umugore (Babuloni) avugwa mu Vyahishuwe 17 bamwerekana « yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’agahama, yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bwiwe. Mu ruhanga afise izina ry’akabanga ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE , NYINA WA BA MARAYA KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW’ISI.” Uwavugishwa n’lmana avuga ati: “Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu.” Babuloni yongeye kuvugwa “nk’igisagara gihambaye, kiganza abami bo kw’isi.” (Ivyahishuwe 17: 4-6, 18) Ubutware bwakoresheje igikenye ku bategetsi b’ibihugu rukristo mu gihe kirekire c’ibinjana ni Roma. Impuzu y’agahama y’inyambara bami, izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, vyerekana ku buryo bugaragara ukudibama mu vyiza kurengeye kure ukw’abami kwaranga abarongozi bishira hejuru b’ishengero ry’i Roma. Kandi nta butegetsi na bumwe bushobora kwitirirwa « kuboregwa amaraso y’abera » nk’iryo shengero ryahamye rikagirira nabi abakurikiye Yesu. Babuloni yagirizwa kandi « icaha c’ubusambanyi n'abami bo kw’isi ». Ishengero ry’Abayuda ryahindutse maraya kubwo gutandukana n’lmana rikifatanya n’abapagani ; na Roma mu kwihumanya kwayo muri ubwo buryo irondera gushigikirwa n'ububasha bwo kw’isi ni co catumye yagirizwa gutyo.IB 275.2

    Babuloni ivugwa ko ari « nyina w’abamaraya ». Abakobwa bayo bavugwa bategerezwa kuba bagereranya amashengero yiboheye ku nyigisho hamwe n’imigenzo yayo, kandi agakurikiza akarorero kayo ko kwirengiza ukuri hamwe n’ivyo Imana yemera, mu ntumbero yo guhonyanga amategeko mu kwifatanya n’isi. Ubutumwa bwo mu Vyahishuriwe Yohana 14 bushira ahabona ugusambuka kwa Babuloni butegerezwa kuba bwerekeye ku miryango y’amadini yigeze kuba idahumanye ariko mu nyuma ikihumanya. Kubera ko ubu butumwa bukurikira ubw’imburi y’igihe c’amateka, butegerezwa kuzoshikirizwa mu misi ya nyuma; rero ntibwoba bwerekeranye n’ishengero ry’i Roma ryonyene, kubera ko ryo ryarabayeho ryaraguye igihe c’ibinjana vyinshi. Hamwe n’ivyo, mu gice ca 18 c’lvyahishuriwe Yohana abantu b’Imana bahamagarigwa gusohoka muri Babuloni. Wisunze amajambo y’iki gisomwa, benshi mu bantu b’Imana bazoba bakiri muri Babuloni. None ni muyihe miryango y’amadini usangamwo igice gihambaye c’abayoboke ba Kristo ubu? Ata gukekeranya ni mu mashengero menshi arangwa n’ukwizera kw’abaprotestanti. Mu gihe aya mashengero yari atanguye gukora ku mugaragaro, yari ahagaze mu ruhande rw’lmana n’ukuri kandi imigisha y'Imana yari kuri yo. Ku buryo mbere n’isi irangwa n’ubuhakanyi bitayishobokera kureka gushingira intahe ingaruka zihambaye zaherekeje ukuba ayo mashengero yaremeye kugendera ku ngingo ziranga ubutumwa bwiza.Uku niko umuhanuzi yabishikirije mu majambo yabwiye Abisirayeli : «Wacitse rurangiranwa mu mahanga kubw’ubwiza bwawe, kuko bwagizwe agahore n’icubahiro canje nagushizeko, nik’Umwami uhoraho agize. » (Ezekiyeli 16: 14) Ariko baguye kubwo ukwipfuza kwabereye isoko y’umuvumo n’uguhona kwa Isirayeli ; ukwipfuza kwigana imigenzo hamwe no kugiriranira ubucuti n’abadakunda Imana. « Ariko wishimiye ubwo bwiza bwawe wihindura maraya ubitewe n'uko wabaye rurangiranwa.»(Ezekiyeli 16:15.)IB 275.3

    Amashengero y’abaprotestanti menshi yakurikije akarorero k’ishengero ry’i Roma ko kwifatanya « n’abami bo mw’isi mu caha »- amashengero yegamiye ibihugu ku bwo imigenderanire yimbitse afitaniye n’ama leta y’ibihugu; yegamiye n'ayandi mashengero ku bwo kurondera ko isi ibafata neza. Kandi iri jambo « Babuloni ”, « uruvange» -rirabereye gukoreshwa rigenekereza neza ayo mashengero, avuga yose ko inyigisho zayo zishingiye kuri Bibiliya ariko ugasanga agizwe n’utugwi udashobora guharura, turangwa ku buryo bwagutse n'ivyo dushingira intahe hamwe n’ivyo twigisha bitandukanye.IB 276.1

    I ruhande y’ukwo kwifatanya n’isi mu caha, amashengero yiyonkoye kw’ishengero ry’i Roma arafise ibindi bintu biyaranga ahuriyeko n’iryo shengero nyene. Mu gitabo Ishengero Gatolika ryemera, tuhasanga aya majambo : « Hamwe ishengero ry'i Roma ryoba ryagirizwa gusenga ibitari Imana kubwo ibijanye n'aberanda, umukobwa wayo, ishengero ryo mu Bwongereza, ntiryera kubw’iyo mpamvu nyene, kuko rifise amashengero cumi yeguriwe Mariya aho ishengero rimwe gusa ari iyo ryeguriwe kristo. »(Richard Challoner, the Catholic Christian Instructed, Preface, Pages 21,22)IB 276.2

    Kandi na Dr Hopkins mu gitabo ciwe « A Treatise on the Millenium” (Ibishikirijwe ku myaka igihumbi) aravuga ati: “Nta mpamvu n’imwe yotuma tubona ko agatima ka antikristo hamwe n’imigenzo yiwe biboneka mw’ishengero ubu twita ko ari iry’i Roma. Amashengero y’abaprotestanti arafise muri yo agatima ka antikristo kayaranga kanini, kandi ari kure cane yo kuba yararonse umuvyuro akivugurura akavavanura n’ako gatima... ububegito n'ubugizi bwa nabi.”( Samuel Hopkins, Works, vol.2, Page 328.)IB 276.3

    Kuvyerekeranye n'ugutandukana kw'ishengero « Presbyterienne » n'ishengero ry’i Roma, Dr.Cuthrie yanditse avuga ati : « Haraheze imyaka amajana atatu, ishengero ryacu ryasohotse i Roma rirengana amarembo yaho ryitwaje Bibiliya yuguruye, hamwe n’icivugo: «Dusesangure Ivyanditswe » canditse ahantu abantu bose babona. Inyuma yaho rero yarabajije ikibazo cumvikana ngo : « Mbega basohotse i Babuloni bihumanuye ? ».(Thomas Guthrie, The Gospel in Ezechiel, page 237.)IB 276.4

    Spurgeon avuga ko « Ishengero ryo mu Bwongereza rimeze nk’ iryanyoshwe impande zose no kwubahiriza amasakaramentu; ariko ukwiyonkora kuboneka muri ryo ni kubi kuko gushigikira ivyiyumviro vy'abatizera. Abo twiyumvirako ibintu vyiza bariko barikumira umwumwe bakishira ku ruhande, ntibabe bacemera ingingo ngenderwako z’ukwizera. Ntibikiri agaseseshwarumuri ndemera ko intimatima y’Ubwongereza yamunzwe n’ukutemera kujana mu mahonero, guhirahira kukaja ku ruhimbi maze kukayita ubukristo.”IB 276.5

    None inkomoko y’ukwo guhakana kudasanzwe ni iyihe? Vyagenze gute ngo ishengero ubwa mbere na mbere ryitandukanye n'ubutumwa bwiza bwumvikana? Vyavuye ku kwemera kugendera ku migenzo ya gipagani bibaza ngo kumbure ubukristo bwohava bubagirako ubwaku. Ivyo Paulo yavuze n’ubu biracafise agaciro muri iyi misi: “Ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora” (2 Ab’i Tesalonike 2:7.) Mu gihe intumwa zari zikiriho, ishengero muri rusangi ryabayeho ryirinda kwihumanya. Ariko hafi mu mpera z’ikinjana ca kabiri, amashengero menshi yatanguye ingendo nshasha ; ukwizera gusanzwe kwarazimanganye ; kandi nk’uko ataco vyababwira, ubwo abigishwa ba mbere bashingurwa mu mva bakaruhuka; abana babo, bari kumwe n'abantu bakiri bashasha mu kwizera... babakoreye mu ngata maze igikorwa bagiha intumbero nshasha. (Robert Robinson, Ecclesiatical Researches, ch. 6, par. 17, page 51.) Kugira ngo abihanye bumve ko bakingiwe, ivyahora bishirwa imbere nk’urufatiro rw'ukwizera rukristo vyabaye nk’ibisubizwa hasi, kandi “nk’ingaruka, umwuzure wa gipagani wameneye mw’ishengero, uzanana n’imigenzo yawo, akamenyero hamwe n’ibitari imana.” (Gavazzi, Lectures, page 278). Kubera ko ishengero rukristo ryarondeye kurabwa ryiza no gushigikirwa n’abatware b’ibihugu, abantu benshi bararyemera kw'izina; ariko n’ubwo baboneka ku maso nk’abakristo, “benshi bagumye ari abapagani kw’itsitso, kandi mu buryo budasanzwe barasenga mw'ibanga ivyitirigwa imana bari bafise.” (Ibid, page 278). None inyifato nk’iyo ntiyama yabonetse muri buri shengero ry’abaprotestanti? Nk’ababoneye abandi izuba, abari bafise agatima k'ukuri k’umuvyuro, barasinziriye, abana babo babakoreye mu ngata maze igikorwa bagiha intumbero nshasha. Mu gihe bibohera ku ngingo y’ukwizera y'abababoneye izuba ariko bakabikora nk'abatwikiriwe n’igipfungu kandi bakanka kwemera imbere y’igihe ukuri na kumwe kw'ivyo babona, abana b'abagorozi baradohotse cane bavavanura n’akarorero keza ko guca bugufi, kutishira imbere hamwe no kuvavanura n’isi. Uko ni ko “ukwizera kwo mu ntango kwaherengeteye.” Umwuzure w’isi wameneye mw’ishengero, uzanana nawo imigenzo, akamenyero hamwe n’ivyo witirira imana.IB 276.6

    Mbega ukuntu ukwo gukunda isi akaba nako ari ukwanka Imana gukw iriye hose ku buryo buteye ubwoba, ubu kukaba kubonwa neza mu biyita ko ari abakurikira Kristo! Mbega ukuntu amashengero rurangiranwa mu bihugu vyose rukristo yavavanuye n’urugero Bibiliya itanga mu vyerekeye ukw'icisha bugufi, ukutishira imbere, gufata ibintu ku buryo busanzwe hamwe no gukunda Imana! Yohana Wesley, ariko aravuga ivyo ugukoresha neza amahera, yashikirije aya majambo: “Ntusesagure agace na kamwe k’ingabire wahawe, urondera gusa kunezereza amaso, mu kugura impuzu zizimvye kandi zidasanzwe, canke mu kurondera ibisharizo ataco bimaze. Ntugire igice na kimwe c’ingabire waronse wonona mu guteka ku buryo butangaza abantu b’inzu yawe; mu kuyigurira ibikoresho bizimvye canke bisiga ubwenge; ibisharizo bizimvye cane, amarangi yo kuyisiga, hamwe n’utugenegene. Ntuyikoreshe kugira ngo unezereze ubwibone bw’ubuzima, gushimwa canke kuvugwa neza n’abantu...! Igihe cose uzoba wifata neza, abantu bazokuvuga neza. Igihe cose uzoba wambaye impuzu z’agahama n’iz’inyerere, kandi ku musi ku musi ukabaho unezerewe; nta gukekeranya benshi bazogukomera amashi kubwo kuzimana ivyo kurya biryoshe, agatima keza ko kutaba ingumyi hamwe no gutanga indaro. Ariko ugukoma amashi kwabo ntuze uhirahire ngo ukugure amafaranga menshi. Ariko ahubwo uze unezerezwe n'icubahiro kivuye ku Mana. (Wesley, Works, Sermon 50, the use of Money) Ariko mu mashengero menshi y’iki gihe, inyigisho nk’iyi ntibayiha agaciro.IB 277.1

    Kuba umunyedini ni vyo vyabaye rurangiranwa kuri iyi si. Abategetsi, abanyapolitike, abanyamategeko, abaganga, abandaza baza mw’ishengero nk’inzira ituma babubaha kandi bakabizigira aho babaye kandi bikaborohera guteza imbere inyungu zabo z’isi. Uko ni ko barondera gupfukisha ibikorwa vyabo vyose vy’isoni nke ishusho yo kuba umukristo. Amadini atandukanye, ashigikiwe n’ubwaku hamwe n’ubutunzi bw'abantu babatijwe ariko bakunda ivy’isi, akora uko ashoboye kugira abe rurangiranwa kandi agire ijunja. Amasengero y’akaroruhore, asharijwe mu buryo busiga ubwenge, usanga yubatswe i ruhande y’amabarabara nyabagendwa. Abayoboke bayo usanga bambaye impuzu zizimvye kandi abantu bose basamarira. Agahembo kisununuye gahabwa umukozi afise ingabire idasanzwe kugira ngo abwire abantu ibibanezereza kandi abakwegakwege. Insiguro ziwe ntizikora ku vyaha rurangiranwa, ariko zirorosha kandi zikaryohera amatwi y’abazumviriza. Uko niko amazina y’abanyavyaha ruhebwa ari mu bitabo vy’ishengero kandi n’ivyaha vy’agacamutwe bikarenzwako ishusho yo gukunda Imana.IB 277.2

    Aya majambo akurikira yanditswe n’ikinyamakuru gihambaye gisohoka ku musi ku musi, cerekana inyifato abigira abakristo berekana imbere y’isi. “Nk’uko ataco biribwiye, ishengero ryaramaze kwifatanya n’agatima k’ibihe vy’ubu kandi uburyo bwaryo bwo gusenga bwisunze ivyo ab’ubu bipfuza.” “Mu vy’ukuri ibintu vyose vyofasha kugira ngo idini rikwegakwege abantu, ishengero ni vyo ubu rikoresha.” Umwanditsi w’ikinyamakuru Independent c’i New York avuga atumbereza ku ba Methodiste ibi bikurikira: “Umurongo utandukanya ukwubaha Imana hamwe n’ukutitwararika ivy’idini uzimanganira ahantu hatabona, kandi ku mpande zose abantu bafise ishaka bagerageje gukora kugira ngo bazimanganye ubudasa bwose hagati y’ibikorwa vyabo n’ingene binezereje... Ukuba rurangiranwa bituma igitigiri c’abashobora kuhakura akoyoko barushiriza kwiyongera ariko badashobora mu bwizigirwa kurangura ivyo ribasaba.IB 278.1

    Howard Crosby avuga ati: “Ni ikibazo kiraje ishinga kubona ishengero rya Kristo rishira gatoya mu ngiro ivyipfuzo vy’Umwami waryo. Nk’uko Abayuda ba kera bifatanije n’amahanga adasenga Imana maze bigatuma imitima yabo iba kure y’Imana... uko ni ko ishengero rya kristo ubu, kubwo ukwifatanya kwaryo mu buryarya n’isi itizera, ryahevye inzira z’Imana zishikana ku buzima bw’ukuri, maze ryibohera ku migenzo yuzuye ubuhendanyi naho iboneka neza cane, imigenzo y’abantu batarota bemera Kristo, bagakoresha ivyiyumviro kandi bagashika no ku ndunduro zihushanye n’ihishurwa ry’Imana, kandi zigwanya ku buryo buboneka no gukura mu vyo ubuntu.(-The Healthy Christian: An Appeal to the Church, pages 141, 142)IB 278.2

    Muri uku kubohwa no gukunda ivy’isi hamwe n’ibinezereza, ukutishira hejuru hamwe n’ukwitanga kubwo kurondera Kristo bisa nk’uko vyibagiranye. “Bamwe mu bagabo n’abagore bafise ibikorwa bihambaye mw’ishengero ubu, barize bakiri abana, kwitanga kugira ngo bashobore kuba bagira ico botanga canke bokorera Kristo.” Ariko “nimba ubu amafaranga akenewe,... nta n’umwe ahamagarigwa gutanga. Oh, oya! Ni mutunganye umwanya wo kugurisha ibintu, umugoroba wo kwinezereza, itombora, amazimano -ikintu icari co cose co kunezereza abantu.”IB 278.3

    Buramatari Washburn w’intara ya Wisconsin mw’ijambo ryiwe ry’umwaka yashikirije muri Nzero, kw’igenekerezo rya 9, 1873, yavuze ati: “Harakenewe itegeko ryotuma amashure abantu bigiramwo ivy’inkino yugarwa. Ayo mashure arakwiragiye ahantu hose. N’ishengero ubwaryo (nta gukekeranya s’uko rivyipfuza) usanga rimwe na rimwe ririko rirakora igikorwa c’umubi. Gutunganya ibiteramo, amatombora, amakesha; rimwe na rimwe ari ukugira ngo hegeranywe uburyo bwo kurangura ibikorwa vyofasha abantu, ariko kandi na kenshi bagendereye no gushika ku ntumbero ataco zimaze ugasanga gusa bipfuza kwegeranya amahera ata kintu batanze kugira ngo bayaronke. Nta kintu kirusha ibindi kuvuna intege canke kuroga ubwenge, na cane cane ku bakiri bato nko kuronka amahera canke itunga utakoreye. Abantu biyubashe ariko usanga bafise uruhara muri ibi bikorwa vy’akamari, kandi borohereza umutimanama wabo n’iciyumviro c’uko amafaranga agenewe ikintu ciza; si ikintu gitangaje kubona abantu bakiri bato mu gihugu bama kenshi batwawe n’imigenzo usanga ifise inkomoko ku mikino y’akamari.»IB 278.4

    Agatima ko kwifatanya n’isi karameneye mu mashengero rukristo. Mu nsiguro yashikirijwe i Londres, Robert Atkins, yerekanye igicapo giteye ubwoba c’ukuntu hari ukwimonogoza mu gusubira inyuma mu vya Mpwemu mu Bwongereza. “lgitigiri c’abantu mu vy’ukuri bahagaze bashimitse kigenda kigabanuka kw’isi kandi nta muntu n’umwe biraje ishinga. Abigisha b’iyobokamana mw’ishengero ryose ryo muri kino gihe, ni abakunzi b’isi, bifatanya n’isi, bakunda kumererwa neza, kandi bakubahwa. Bahamagariwe kubabarana na Yesu, ariko basubizwa inyuma no kubona umuntu n’umwe abagaye. Ubuhakanyi, ubuhakanyi, ubuhakanyi, ni ryo jambo ryanditswe mu rwinjiriro rw’ishengero ryose; kandi iyaba bari babizi, bakavyiyumvamwo, hari kubaho ivyizigiro; ariko, raba, humvikana aka kamo. “Turatunze, kandi ibintu vyacu biriyongera, ku buryo ata kintu na kimwe dukenye.” (Second Advent Library, Tract No 39).IB 279.1

    Icaha c’agacamutwe cagirijwe Babuloni ni uko “Cateretse amahanga yose vino ni yo burake bw’ubushakanyi bwaco”. Iki gikombe c’uburozi yateretse isi cerekana inyigisho z’ibinyoma Babuloni yemeye kubwo kwifatanya n’abahambaye bo kuri iyi si. Ukugirirana ubucuti n’isi vyazanye agasembwa ku kwizera kwiwe, kandi vyatumye kubera ico, Babuloni igira ubwaku bwonona isi kubwo gutanga inyigisho zihushanye n’amajambo yuzuye kandi anengesereye aboneka mu Vyanditswe Vyeranda.IB 279.2

    Ishengero ry’i Roma ryabujije abantu gusoma Bibiliya ariko rirahindukira ribasaba kwemera inyigisho ryo ribashikirije. Igikorwa c’Ubugorozi nico casubije mu bantu agateka k’ijambo ryTmana; ariko none si ukuri ko amashengero y’iki gihe yigisha abantu gushingira ukwizera kwabo ku cegeranyo nyamukuru c’ivyo bemera n’inyigissho z’ishengero ryabo aho kugushingira ku Vyanditswe? Ariko ashikiriza ico yiyumvira ku mashengero y’abaprotestanti, Charles Beecher yavuze ati: “Iyo numvise ijambo ryose rikomeye nca nsubira inyuma mfise ubwoba nk’uko abapapa bari kugira imbere y’ababa bariko barabagiriza ko barondera ingene abantu bo mu gihe cabo bosenga aberanda n’abandi bamaratiri baha agaciro... Amashengero y’aba protestanti ashira imbere ivugabutumwa yaramaze kwiboha amaboko ku buryo hagati muri yo yose ata muntu ashobora kuba umuvugabutumwa na gato, ahariho hose, atemeye gukoresha ibindi bitabo i ruhande ya Bibiliya. Ibi ndabishikirije hano y’uko ubushobozi bw’ingingo y’ukwemera buriko burigiza kure Bibiliya nk’uko ishengero ry’i Roma ryabikora, ariko mu buryo budaca bugaragarira amaso, si ivyiyumviro ataho bifatiye.” (-Sermon on “The Bible a Sufficient Creed,” delivered at Fort Wayne, Indiana, Feb. 22, 1846.)IB 279.3

    Iyo abigisha b’abizigirwa bakwiragije ijambo ry’Imana, haca hahaguruka abantu b’abahinga mu bumenyi, abakozi b’Imana bemeza ko batahura Ivyanditswe maze bagaca bitiranya iyo nyigisho y’ukuri n’ikinyoma, maze gutyo bagasubiza inyuma abariko barondera ukuri. Iyaba isi itari iborejwe ku buryo ibura ivyizigiro n’umuvinyu w’i Babuloni, abantu isinzi bokorwa ku mutima kandi bagahindurwa n’ukuri kunengesereye kandi gutomoye kw’ijambo ryimana. Ariko gusa, ukwizera mu vy’idini kuboneka nk’uko kudatomoye kandi kwivuguruza ku buryo abantu batamenya ico bakwiriye kwemera nk’ukuri. Icaha c’ukutihana kw’isi kiryamye ku rugi rw’ishengero.IB 279.4

    Ubutumwa bw’umumarayika wa kabiri bwo mu Vyahishuriwe Yohana 14 bwamamajwe ubwa mbere mu mwaka wa 1844, kandi ico gihe bwari butumbereye ata gukikiriza amashengero yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika, aho imburi y’ibihe vy’amateka yakwiragijwe ku buryo bwagutse kandi muri rusangi bakayiyamiriza, aho kandi ugusubira inyuma mu vyizerwa kw’amashengero kwabaye vuba na vuba. Ariko ubutumwa bw’umumarayika wa kabiri ntibwashikijwe ku buryo bwuzuye mu mwaka wa 1844. Aho rero amashengero yaciye ashikirwa no gusubira inyuma mu vyimana nk’ingaruka y’uko yanse kwakira umuco w'ubutumwa bw’ukugaruka kwa Yesu; ariko n’ukwo gusubira inyuma ntikwari kunengesereye. Kubera ko yabandanije gukengera ukuri kudasanzwe kw’iki gihe, yarushirije kumanuka hasi mu gusubira inyuma. Ariko kandi ntiharagera aho umuntu yovuga ati: “Babuloni irakomvomvotse... kubera ko yateretse amahanga yose vino ni yo burake bw’ubushakanyi bwayo”. Ntiraboreza amahanga yose kuri urwo rugero. Agatima ko kwifatanya n’isi hamwe no kuba sindabibazwa ku bijanye n’ukuri kugosora kwo muri ibi bihe kariho kandi kagiye karatsimbatara mu mashengero y’imyizerere y’abaprotestanti, mu bihugu vyose rukristo; kandi ayo mashengero ni yo atungwa urutoke mu butumwa bwatanzwe icese kandi buteye ubwoba n’umumarayika wa kabiri. Ariko rero, igikorwa c’ubuhakanyi ntikirashika ku rugero rwaco rwo hejuru.IB 280.1

    Bibiliya ivuga ko imbere yuko Umwami agaruka, Satani “azokorana n’ubushobozi bwose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma n’ubugunge bwose bwo kugabitanya” kandi “ku bahona kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe” bazosigara barungikirwa ” ubuzimire bubakoreramwo ngo bizere ibinyoma.”(2 Ab’itesalonike 2: 9-11) Ugukomvomvoka kwa Babuloni ntikuzoba kurashika ku rugero runengesereye imbere y’uko Satani arangura umugambi wiwe, n’imbere y’uko ukwifatanya kw’ishengero n’isi kuzoba kurashikwako mu bihugu vyose rukristo. Iryo hinduka rizogenda buhoro buhoro, ku buryo ishitswa nyezina ry’ibivugwa mu Vyahishuriwe Yohana 14:8 bikiri muri kazoza.IB 280.2

    N’ubwo haboneka umwiza mu vya Mpwemu hamwe n’ugutituka kw’ivyimana mu mashengero agize Babuloni, umurwi uhambaye w’abakurikira Kristo vy’ukuri uracaboneka muri ayo mashengero. Haracariho abantu benshi muri ayo mashengero bataramenya ukuri kudasanzwe kwo muri ibi bihe. Abantu batari bake ntibashimishwa n’ivyo babona barimwo kandi bipfuza kumurikirwa ku buryo butomoye. Barondera ishusho ya Kristo mu mashengero barimwo ariko ntibayibona. Uko ayo mashengero azorushirizaho kwitandukanya n’ukuri maze akifatanya rwose n’isi, itandukaniro hagati y’iyi mirwi ibiri rizoca rirushirizaho kugaragara, ku buryo ingaruka yavyo kuzoba ukwitandukanya. Igihe kizoba kigeze aho abakunda Imana vy’ukuri badashobora kubandanya ari “abakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana ariko bahakana ubushobozi bwayo” (2Timoteyo 3: 4)IB 280.3

    Nk’ingaruka y’uko ishengero rizoba ryakengereye imburi yatanzwe incuro zitatu zose nk’uko iboneka mu Vyahishuriwe Yohana 14:6-12, igice ca 18 c'I vyahishuriwe Yohana gitumbereza ku gihe ishengero rizoba rimaze gushika ku rugero rwuzuye nk’uko vyamenyeshejwe n’umumarayika wa kabiri, kandi abantu b’Imana bazoba bakiri muri Babuloni bazohamagarirwa kwitandukanya nayo. Ubu buzoba ubutumwa bwa nyuma buzovugwa kw’isi kandi buzoshikana inshingano yabwo. Igihe “abatizera ukuri bose bagahimbarirwa ukugabitanya” (2 Ab’itesalonike 2: 12) bazosigara mu buzimire bukomeye no kwizera ibinyoma, aho ni ho umuco w’ukuri uzoca umurikira imitima yose yiteguye kubwakira, maze abana bose b’Umwami basigaye i Babuloni, bazokwumva ijwi ribahamagara ngo: “bantu banje ni muve iwe” (Ivyahishuriwe Yohana 18:4.)IB 281.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents