Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 23 - Ihema Ryerani Iki

    Umurongo wo muri Bibiliya wari umeze nk’urufatiro rw’inkingi yo kwizera ukugaruka kwa Yesu gusumba iyindi yose, wari uyu ngo : « Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka.»(Daniyeli 8 :14.) Ayo majambo yose yari azwi n’abari bizeye yuk’ukugaruka kwa Yesu kuri hafi rwose. Abantu benshi badondagura ayo majambo bafise umunezero, kandi ni yo yari ishimikiro ry’ukwizera. Bose biyumvira y’uko ivyizigiro vyabo bishimikiye ku vyahishuwe muri uyu murongo. Iyo misi y’ubuhanuzi ivugwa ngaha, yerekanywe kw’izorangira mu gatasi mu mwaka w’1844 nko mu kwezi kwa Gitugutu. Abari biteze Yesu biyumvira nk’abandi ba kristo bose bo kw’isi mu gukeka yukw’iyi si canke urundi ruhande rwayo ariho Heranda, kandi ko ukwezwa kw’Ihema Ryera arikwo kwezwa n’umuriro kwo ku muhero w’isi. Bari bazi kw’ivyo bizoba Kristo agarutse. Ni co catumye bemeza ko Yesu azoza kw’isi mu mwaka w’ 1844.IB 293.1

    Umusi washinzwe warashitse, ariko Umwami ntiyaboneka. Abizera bari bazi kw’ijambo ry’Imana ryama rivuga ukuri; kandi s’ivy’ugukeka, insiguro yabo y'amajambo y’ubuhanuzi ni yo itari yo; ariko none ikosa ryari hehe? Benshi muri bo bihutiye guhakana yuko imisi 2300 yarangiye mu 1844. Nta mpamvu iy’ari yo yose batanze mu kuvuga gutyo, atari ukuvuga ngo Kristo ntiyaje mu gihe bari bamwiteze gusa. Mu biganiro bavuga y’uko iy’iyo misi y’ubuhanuzi irangira mu 1844 Kristo aba yaraje kweza Ahera mu kwezesha isi umuriro; bati rero ko ubona ataje, ya misi ntirarangira namba.IB 294.1

    Kwemera ivyo bari bahitseko kwari uguhakana ibiringo vy’ubuhanuzi vyari vyerekanywe ku buryo butomoye. Vyari vyamaze kugaragara ko imisi 2300 itangurana n’igihe Umwami Aritazeruzi yasohora itegeko ko Yerusalemu isanurwa kandi ikongera kwubakwa, iryo naryo rikaba ryashizwe mu ngiro mu gatasi ko mu mwaka wa 457 imbere y’ivuka rya Yesu. Iki kiringo ugifashe nk’intango, hariho uburinganire butomoye mu gushirwa mu ngiro kw’ibintu vyose vyari vyaronse insiguro mu kiringo kivugwa muri Daniyeli 9:25-27. Amayinga 69, igice ca mbere c'imyaka 483 ikuwe mu myaka 2300, yategerezwa gushikana kuri Mesiya, uwasizwe; kandi ukubatizwa kwa Kristo no gushingirwa intahe na Mpwemu yera, mu mwaka wa 27, inyuma y’ivuka rya kristo, vyashikije ku buryo bunengesereye ivyari vyavuzwe. Hagati yo mw’iyinga rigira 70 Mesiya yategerezwa gukurwaho. Haheze imyaka itatu n’igice Yesu amaze kubatizwa, Yesu yarabambwe ku musaraba, hari mu mpeshi y’umwaka wa 31 inyuma y’ivuka rya Kristo. Amayinga 70 canke imyaka 490 yari yategekanirijwe, ku buryo budasanzwe, Abayuda. Mw’iherezo ry'iyo myaka igihugu cose cerekanye ko cihakanye Kristo mu gutanguza agahamo ku bigishwa biwe; uko ni ko intumwa zaciye zihindukirira abanyamahanga, mu mwaka wa 34 inyuma yo kuvuka kwa Yesu, aba ari bo zibwira ubutumwa. Imyaka 490 mu rukurikirane rw’imyaka 2300 imaze rero guhera, hari hasigaye imyaka 1810. Kuva mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka rya Kristo, imyaka 1810 yahera mu mwaka wa 1844. Nk’uko umumarayika yavuze, “Ihema ryera rizoca rihumanurwa”. Ibintu vyose vyavuzwe mu buhanuzi vyerekeranye n’ivyategerezwa gushika vyarashikijwe mu gihe vyari vyarategekanirijweko.IB 294.2

    Ukurikije rero ibintu ukuntu bari babitahuye, vyose vyarumvikana kandi vyari biringaniye uretse ikintu kimwe rudende: ico naco ni uko ata kintu na kimwe cari cabonetse nk’inyishu y’ikibazo cerekeranye n'uguhumanurwa kw’ihema ryera kwategerezwa gushika mu mwaka wa 1844. Guhakana ko iyo misi yagenywe yaheze ico gihe kwari ugusubiza ikibazo cose i bubisi no guhakana ivyashitsweko hisunzwe ibimenyamenya ntasubirwako vy’ishitswa ry’ubuhanuzi.IB 294.3

    Ariko rero Imana ni yo yari yarongoye abantu bayo mu gikorwa gihambaye co kwamamaza ukugaruka kwa Yesu, ubushobozi bwayo hamwe n’icubahiro vyari vyagiherekeje; rero ntiyari gushobora kwemera ko kirangurirwa mu mwiza no kugwa mu gahundwe; ngo abansi baco babe bogicokora nk’ikibabagwe kidafise ishimikiro kandi cabayeho batabanje kurimbura ikintu n'ikindi. Ntiyari gushobora kwemera ko ijambo ryayo risiga abantu mu gukekeranya no mu kugira amakenga.IB 294.4

    Naho benshi mu bari biteze Yesu basubiye inyuma bakareka guharura ibihe vy’ubuhanuzi, hanyuma bagahakana ukuri kw’inyigisho zari zishigikiye ubwo buhanuzi, hari hakiriho n’abandi bakeya muri bo, banse guhakana inyigisho z’ukwizera kwabo n’ivyemejwe n’ijambo ry’Imana. Bizera yuko nibasoma cane Bibiliya bazokurikira inzira y’ukuri mu gusobanura amajambo yayo, kandi kw’ar’inshingano yabo kwumira ku vy’ukuri bigishijwe, kandi bategerezwa kuguma mur’iyo nzira mu kurondera cane muri Bibiliya . Basubiye mu vyo bamaze gusoma babishizeko umutima kandi basenga, basoma Bibiliya bitonze kugira ngo barabe ko botora ikosa ryabo. Aho baheburiye mu nsiguro zatanzwe zerekeye ibihe vy’ubuhanuzi bahimirijwe kurondera bitonze cane inyigisho zerekeye ihema ryera.IB 295.1

    Muri ukwo gusoma bitonze kwabo, basanze ata kimenyamenya na kimwe co mw’ijambo ry’Imana coshigikira ivyiyumviro abantu bari barakwiragije ko isi ari ihema ryeranda; ahubwo bashoboye gusanga hariho insiguro inengesereye yerekeranye n’ihema ryera muri Bibiliya, ukuntu riteye, aho ryari, ivyaharangurirwa; igishingantahe c’abanditsi barongowe na Mpwemu kiratomoye kandi kirahagije kugira ngo ntihabe hogira umuntu agumana akangonongono. Intumwa Paulo mw’ikete yandikiye Abaheburayo aravuga ati : « Nukw’isezerano rya mbere na ryo ryarimw’ibirongora ivy’ubuherezi rifise n’ahera ariko ho mur’iyi si. Kuko hari ihema ryiteguwe mu ryo hino harimwo igiterekwako amatara n’ameza, n’imitsima y’ibiterekerwa yama kuri yo : iryo ryitwa Ahera.Kandi hirya y’igihuzu ca kabiri gikinze hari ihema ryitwa Ahera cane. Harimw’igicaniro co kwoserezakw’imibavu cakozwe mw’izahabu, harimwo n’isandugu y’isezerano yometswe kw’inzahabu impande zose, irimw’urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, navyabisate vy’amabuye vyanditswekw’ isezerano. Kandi hejuru yayo har’abakerubi b’ubwiza bateye igitutu umutemere wo guhongerako ” (Abaheburayo 9: 1-5)IB 295.2

    Iryo hema Paulo avuga hano ryari ryubatswe na Mose kw’itegeko ry’Imana nk’ikibanza Isumba vyose yagereramwo hano kw’isi. « Kandi bangirire ahera ho kuba kugira ngo nze ngerere hagati muri bo » (Kuvayo 25 : 8) ni yo majambo yari kwisungwa mu kwubaka iryo hema. Mose yari yayabwiwe ari ku musozi ari kumwe nimana. Abisirayeli bari mu rugendo rubacisha mu bugaragwa ; kandi ihema ryera ryari ryubatswe ku buryo baryimura bakarikura mu kibanza bakarishira mu kindi; ariko rero ivyo ntivyabujije ko iba inyubakwa iteye igomwe. Ibihome vyaryo vyari bigizwe n’imbaho ziteweko izahabu iramuye kandi zegeranirijwe hamwe, ziboheye mu miguno y’icuma. Igisenge cari kigizwe n’igitigiri runaka c’ibitambara bigerekeranye. Ibihome vy’imbere vyafukwa n’insato mu gihe inyuma vyari bifukishijwe ibitambara bikozwe mu nyerere bari bacafyeko amashusho y’abakerubi. I ruhande y’ikibuga c’imbere ahari uruhimbi hoserezwako ibimazi, ihema ryera - canke ihema ry’ibonaniro - ryari rigizwe ubwaryo n’ibihimba bibiri bihambaye : ahera n’ahera cane, hatandukanijwe n’igihuzu giteye igomwe kandi ciza, canke igikingirizo ; ni co cazibira abantu ntibinjire mu cumba ca mbere.IB 295.3

    Mu kibanza citiriwe ahera cane hariho igiterekwako amatara, ahatumberanye n’ubumanuko bwaco, hamwe n’amatara yaco indwi yama yaka ku murango no mw’ijoro. Ahaherera i Buraruko h’ico cumba hariho imeza yaterekwako imitsima itambiwe ; kandi imbere y’uko ushikira igihuzu gitandukanya ahera n’ahera cane hariho uruhimbi rw’imibavu rukozwe mw’izahabu, ari narwo rwavako umwotsi umota neza, hamwe n’amasengesho ya Isirayeli, vyama vyadugijwe ku Mana ku musi ku musi.IB 295.4

    Mu cumba citirigwa ahera cane hariho isandugu y’isezerano, ikozwe mu mbaho z’agaciro zihometsweko izahabu, ni yo yari ishinguye ibisate bibiri vy’amabuye ivyo Imana yari yanditseko amabwirizwa cumi. Hejuru y’iyo sandugu hariho igipfundikizo cari gikozwe mw’izahabu iramye, cerekana igikorwa c’ubuhinga, ni ho hari intebe y’imbabazi. Kuri uyo mufuniko w’iyo sandugu hariho amashusho y’abamarayika babiri, umwe ku ruhande uwundi ku rundi, yose akozwe mw’izahabu. Muri iki cumba, Imana ihiyerekanira mu gicu c’icubahiro hagati y’abo bakerubi.IB 296.1

    Abaheburayo bamaze kugerera i Kanani, Ihema ry’ibonaniro ryasubiriwe n’urusengero rwa Salomo ; urwo, nubwo yari inyubako yamaho kandi yubatswe ku kibanza kinini, yari yubatswe hisunzwe ibintu bikuru bikuru vyari bigize ihema ry’ibonaniro kandi hariho isano mu kuntu urwo rusengero n’iryo hema vyari bitatse. Uko ni ko Ihema ry’ibonaniro ryari ritunganijwe - uretse mu gihe ca Daniyeli aho ahahora urusengero hari hahindutse umusaka - gushika aho Abaroma barusamburiye mu mwaka wa 70, inyuma y’ukuvuka kwa Yesu.IB 296.2

    Iryo ni ryo Hema ry’ibonaniro ryonyene ryabayeho kuri iyi si Bibiliya ifise ico ivugako. Paulo yavuze ko ihema ry’ibonaniro ryari iry’isezerano rya mbere. None isezerano rishasha hoba hari ihema ry’ibonaniro ryari rifise?IB 296.3

    Bagarutse kandi ku gitabo c’Abaheburayo, abarondera kumenya ukuri basanze hariho ihema ry’ibonaniro rigira kabiri canke isezerano rishasha ry’ ihema ry’ibonaniro, ryaboneka mu majambo ya Paulo twamaze gushikiriza : «” Nukw’isezerano rya mbere ryo ryarimw’ibirongora ivy’ubuherezi rifise n’ahera ariko ho mur’iyi si » (Abaheburayo 9:1). Kandi ugukoresha ijambo « hamwe n’ivyo » vyerekana ko Paulo yari yamaze kugira ico avuga kuri iryo hema ry’ibonaniro. Dusubiye rero inyuma mu ntango y’igice twamye dusoma, baciye bongera kuzirikana aya majambo : « Muyo tuvuga yose arutwa na rimwe n’iri : Dufise umuherezi mukuru ameze atyo, avyagiye i buryo bw’intebe ihambaye cane yo mw’ijuru, akorera ahera no mw’ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’abantu » (Abaheburayo 8:1,2).IB 296.4

    Aho ni ho habonekera ihema ry’ibonaniro ry’isezerano rishasha. Ihema ry’ibonaniro ry’isezerano rya mbere ryari ryateguwe n’umuntu, ryubatswe na Mose ; iri hema ry’ibonaniro rishasha ryatunganijwe n’Umwami, ntiryatunganijwe n’umuntu. Mw’ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi abaherezi ni ho barangurira ibikorwa vyabo ;mw’ihema ry’ibonaniro ryo mw’ijuru, Kristo, umuherezi wacu mukuru, aharangurira amabanga yiwe imbere y’ukuboko kw’i buryo kw’Imana. Ihema ry’ibonaniro rimwe ryari kw’isi irindi riri mw’ijuru. Hamwe n’ivyo, ihema ry’ibonaniro ryubatswe na Mose ryisunze akarorero yari yeretswe. Umwami yaramurongoye : « Nk’uk’ivyo ngira nkwereke vyose bimeze, mu vy’ikigereranyo c’iryo hema nzobamwo, no mu vy’ikigereranyo c’ibintu vyaryo vyose, abe ariko muzobikora» Yarongeye kandi aramwihanikiriza ati : « Uz’ugire umwete wo kubikoresha, ubigereranije n’ikigereranyo cavyo werekewe kuri uyu musozi » (Kuvayo 25 : 9, 40) Kandi Paulo avuga ko ihema ry’ibonaniro rya mbere «ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa batanga ibimazi,” ibibanza vyera vyaryo « vyari ibigereranyo vy’ivyo mw’ijuru, » kandi abaherezi batanga amashikanwa bisunze ivyagezwe « bakorera igishushanyo n’igitutu c’ivyo mw’ijuru ,” kandi « Kristo atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke h’ikigereranyo c’ah’ukuri , ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho kugira ngo non’aduserukire imbere y’inyonga z’Imana »(Abaheburayo 9 :9,23 ;8 :5; 9 :24)IB 296.5

    Ihema ryo mw’ijuru, iryo Yesu akoreramwo kubera twebwe ni ryo rya mbere kandi rihambaye, kandi ni ryo Mose yakuyeko akarorero ko kurema iryo mw’isi. Imana yahaye Mpwemu yera abubatsi b’ ihema ry’ibonaniro ryo mw’isi. Ubuhinga mu vyo kwubaka bubonekera mu kuntu ryubatse ni ikimenyamenya c’ubukerebutsi bw’Imana. Ibihome vyari bifise umwakaka nk’uw’izahabu irivye. Vyama bikwiragiza mu mpande zose umuco wa ya matara. Imeza iriko imitsima itambiwe hamwe n’uruhimbi ruriko imibavu vyaraca ibibatsi nk’izahabu yatyorowe. Igihuzu kidasanzwe cari gikingiriye, gicafyeko amashusho y’abamarayika mw’irangi ry’ubururu, ritukura, kandi rica ibibatsi, catuma aho hantu hakomeza kuboneka ko hasharije. Kandi inyuma y’ico gihuzu gikingirije ca kabiri, ni ho hariho Shekina nyeranda, uburyo bugaragara bw’icubahiro c’Imana, imbere yaho ata muntu n’umwe yari kwinjira ngo abeho uretse umuherezi mukuru.IB 297.1

    Ubwiza ntangere bw’ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi bwatuma abantu bagira iciyumviro c’icubahiro c’ihema ryo mw’ijuru aho Kristo yatwitangiye imbere mu gukora igikorwa c’ubuherezi kubera twebwe imbere y’intebe y’Imana. Ingoro y’Umwami w’abami, aho ibihumbi n’ibihumbi bamukorera, kandi amasinzi n’amasinzi bahagarara imbere yiwe ; iyo sengero yuzuyemwo icubahiro c’intebe y’inganji yamaho ibihe vyose, aho abaserafi, abayicungera basayangana, bifuka mu maso bariko barasenga, ata kindi bashobora kubona mu maso uretse ishusho itabereye y’ubwaguke bwarwo n’icubahiro carwo mu nyubako zigezweko zakozwe n’abana b’abantu. Ariko rero ivyo ntivyabuza ko ukuri guhambaye kwerekeranye n’ihema ryo mw’ijuru hamwe n’igikorwa gihambaye caharangurirwa mu ntumbero yo gucungura umuntu vyigishirizwa mw’ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi hamwe n’ivyaharangurirwa.IB 297.2

    Ibibanza vyeranda vy’ ihema ry’ibonaniro ryo mw’ijuru bigereranywa na vya vyumba bibiri biboneka mw’ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi.Nk’uko intuma Paulo yabihishuriwe, yarabonye ihema ry’Imana mw’ijuru, abonayo « imuri ndwi z’umuriro zakira imbere y’intebe y’Ubwami » ; yabonye umumarayika : « afise icotero c’izahabu ahabwa imibavu myinshi ngw’ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kiri imbere y’iyo ntebe.» (Ivyahishuriwe Yohana) Aha ni ho uyu muhanuzi yemerewe kubona icumba ca mbere c’ihema ry’ibonaniro ryo mw’ijuru ; kandi aho yahabonye « imuri ndwi z’umuriro » hamwe « n’uruhimbi rw’izahabu » bigereranywa n’igiterekwako amatara c’izahabu hamwe n’uruhimbi rwo kwoserezako imibavu mu ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi. « Ihema ry’Imana ryarongeye kandi riruguruka » maze aca araba imbere y’igihuzu co gukingira, ahera cane. Aho ni ho yabonye na rya sandugu rya Mose yari yaratunganije aho yashingura amabwirizwa y’Imana.IB 297.3

    Uko ni ko abariko bariga ijambo ry’Imana basenga babona ibimenyamenya ntabanduka vy’uko hariho ihema ryera mw’ijuru. Mose yari yubatse ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi yisunze iryo bari bamweretse afatirako akarorero. Paulo yigisha avuga ko ako karorero ari ko kari ihema ry’ibonaniro nyezina riri mw’ijuru. Kandi Yohana ashinga intahe avuga ko yaribonye mw’ijuru.IB 297.4

    Mw’ihema ryo mw’ijuru, aho uhoraho avyagiye, intebe y’ubwami ishingiye ku kugororoka hamwe no ku butungane. Ahera cane niho hari amabwirizwa yiwe, itegeko rihambaye ryerekana iciza n’ikibi rikoreshwa mu gusuzuma ibikorwa vy’umuntu wese. Isandugu ishinguye ibisate vyanditsweko amabwirizwa ifundikiwe n’intebe y’imbabazi, imbere y’aho Kristo yerekana amaraso yavuye ku neza y’umunyavyaha. Aho ni ho ubutungane n’imbabazi bihurira mu mugambi wo gucungura umuntu. Ubukerebutsi butagira urubibe ni bwo bwonyene bwoshobora kwiyumvira iri huriro ry’ubutungane n’imbabazi, kandi ubushobozi butagira aho bugarukira ni bwo bwonyene bwari kuritunganya ; ni ihuriro rituma ijuru ryose ritamarirwa rigasenga. Abakerubi bo mw’ ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi, barabana icubahiro intebe y’imbabazi, bagereranya ingene ijuru ryitwararika igikorwa co gucungura umuntu - uko ni ko imbabazi zimana ari ikintu gisiga ubwenge bw’abantu ku buryo abamarayika bama bipfuza kurondera kuzitahura : ukuntu Imana ishobora kutarenganya mu gihe iba iriko irenganura umunyavyaha yihanye kandi ikavugurura imigenderanire yayo n’ubwoko bwaguye; ko Kristo ashobora guhagarara agahagurutsa abantu amasinzi n’amasinzi akabakura mu rwobo rw’amahonero kandi akabambika impuzu zitagira injebejebe z’ubutungane bwiwe kugira ngo abakoranirize hamwe n’abamarayika batigeze bagwa mu caha kandi bagerere ibihe vyose mu nyonga zimana.IB 298.1

    Igikorwa ca Kristo nk’umuntu atuvuganira cagereranijwe muri ubu buhanuzi buteye igomwe bwa Zakariya bwerekeranye n’uwo bise « Ishami ». Uwavugishwa nimana aravuga ati : «Kuko niwe azokwubaka urusengero rw’Uhoraho, azogira icubahiro, kand’azovyagira kur’iyo ntebe azohabera n’umuherezi ; kandi bompi bazohuza inama zizana amahoro. »(Zekariya 6 : 12,13)IB 298.2

    « Azokwubake ihema ry’Umwami ». Ku bwo ikimazi ciwe hamwe no kudusabira ikigongwe, Kristo ahuriwemwo no kuba umushinge n’umwubatsi wishengero ryimana. Intumwa Paulo amutumberezako « nk’ ibuye rigumya imfuruka. Muri we ingoro yose yubatswe neza, irakura ngw’ibe urusengero rwera mu mwami wacu.” Aravuga ati « muri we namwe murubakanwa ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.” (Abanyefeso 6 : 20-22)IB 298.3

    « Azokwisakara icubahiro ». Icubahiro ni ica Kristo kubwo gucungura ubwoko bwari bwaraguye. Mu kiringo c’ibihe bitagira iherezo, indirimbo y’abacunguwe izoba ari iyi ngo « Umwe adukunda yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe ... icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen (Ivyahishuriwe Yohana 1 : 5,6)« Azokwicara ku ntebe y’ubwami maze aganze ; kandi azoba umuherezi ari ku ntebe y’ubwami. » Ubu ntaravyagira ku « ntebe yiwe y’icubahiro », ubwami bw’icubahiro ntiburimikwa. Igikorwa ciwe co kutwunganira ni camara kurangira ni ho Imana izomuha « intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi ”, ubwami butazokwigera bugira iherezo.(Luka 1 :32, 33) Nk’umuherezi, ubu Kristo yicaranye nimana ku ntebe yayo y’inganji. Ku ntebe y’inganji ari kumwe n’uwamaho ibihe vyose, yibeshejeho, Kristo arahavyagiye we « yishizeko intimba zacu kandi akikorera imibabaro yacu, » « yageragejwe uburyo bwose nka twe yamara we nta caha yakoze, » kugira ngo «ashobore no gutabara abageragezwa.” ” Nihagira umuntu akora icaha dufise umwitsa kuri Data wa twese .»(Yesaya 53:4 ; Abaheburayo 4:15; 2:18; 1 Yohana 2:1) Ukwinginga kwiwe ni ukw’umuntu w’umubiri watabaguwe kandi ukavunagurwa, ni ukw’umuntu w’ubuzima butagira akanenge. Amaboko yakomerekejwe, urubavu rwacumiswe, ibirenge vyiwe vyatabaguwe...bivugira umuntu yaguye, uwo ugucungurwa kwiwe kwabonetse habanje gutangwa ikiguzi c’agaciro gakomeye.IB 298.4

    « Kandi inama y’amahoro izoba hagati yabo bompi.» Urukundo rwa Data, rutari musi y’urw’umwana, ni iriba ry’agakiza ku bantu bazimiye.” Imbere y’uko Yesu atandukana n’abigishwa biwe yababwiye ati: “Kandi simbabwira ngo nzobasabira Data kuko Data nawe ubwiwe abakunda”(Yohana 16: 26, 27). Imana yari “muri Kristo yiyuzuza n’abari mw’isi”(2 Ab’Ikorinto 5: 19) Kandi mu mabanga yo mw’ihema ryera ryo mw’ijuru “inama y’amahoro izoba hagati yabo bompi.” “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege ng’umwizera wese ntaz’apfe rubi arik’ahabwe ubugingo budashira” (Yohana 3:16)IB 299.1

    Iki kibazo ngo “Ihema ryera ni iki? » carishuwe ku buryo butomoye mu Vyanditswe. Ijambo « Ihema ryera » nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya ritumbereza ubwa mbere ho kw’ihema Mose yubatse, afatiye akarorero ku vyo yari yeretswe vyo mw’ijuru. Ubwa kabiri, ritumbereza kw’ihema nyezina « ryo mw’ijuru, ari ryo ryagereranywa n’ihema ry’ibonaniro ryo mw’isi. Igihe Yesu yapfa, ibikorwa vyarangurwa nk’ikigereranyo vyaciye bihagarara. « Ihema nyezina » ryo mw’ijuru ni ryo hema ry’ibonaniro ry’isezeano rishasha. Kandi nk’uko ubuhanuzi bwa Daniyeli 8:14 bushitswa muri iki kiringo, ihema ry’ibonaniro butumberezako ritegerezwa kuba ari ihema ry’ibonaniro ry’isezerano rishasha. Mw’iherezo ry’imyaka 2300 mu mwaka w’ 1844 hari haheze imyaka amajana menshi ihema ryeranda ritakiri mw’isi; ni co gituma vyarashoboka ko ihema ryo mw’ijuru ari ryo ryavugwa mur’aya majambo ngo: “Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu, ni ho ahantu hera hazobona guhumanuka.”IB 299.2

    Ariko ikibazo gihambaye gusumba ibindi kiracarindiriye inyishu : ihema ryo mw’ijuru ryoshobora gute guhumanurwa ? Igikorwa nk’ico cararangurwa ufatiye kw’ihema ryo mw’isi nk'uko biboneka mu Vyanditswe, mw’Isezerano rya kera. Ariko none mw’ijuru harashobora kubayo ikintu co guhumanura ? Mu gitabo c’Abaheburayo, mu gice caco c’icenda, hariho inyigisho inengesereye yerekana y’uko ihema ryo mw’isi n’ihema ryo mw’ijuru vyahumanurwa. « Nk’uk’ivyagezwe biri ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha. Nuko vyari bibereye kw’ibigereranyo vy’ivyo mw’ijuru vyozwa n’ivyo bimazi (amaraso y’ibikoko), ariko, ivyo mw’ijuru ubwavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo (Abaheburayo 9 : 22,230), mbere n’amaraso y’agaciro ya Yesu.IB 299.3

    Uguhumanurwa haba kw’ihema nyezina canke ku kigereranyo caryo, kwategerezwa kuba hakoreshejwe amaraso ; mw’ihema ryo kw’isi hakoreshejwe amaraso y’ibikoko ; mw’ihema ryo mw’ijuru hakoreshejwe amaraso ya Kristo. Paulo aratanga impamvu yatuma ukwo guhumanurwa gukoresha amaraso ; ko hatabayeho gusesa amaraso, nta kurekurirwa ivyaha kwobaho. Ukurekurirwa ivyaha, canke ukutongera guharurwako icaha, ni igikorwa gitegerezwa kurangurwa. Ariko none vyagenze gute kugira ngo icaha kigirane isano n’ihema ryeranda, hoba mw’ijuru canke hano kw’isi? Ibi ni ivyo gutahura umuntu afatiye ku gikorwa ngereranyo carangurvva ; kuko abaherezi baranguye amabanga yabo kw’isi, bakoze « bakorera igishushanyo n’igitutu c’ivyo mw’ijuru »(Abaheburayo 8 :5 .)IB 299.4

    Igikowa caranguriwe mw’ihema ry’ibonaniro ryo kw’isi cari gifise intambuko zibiri ; ku musi ku musi, abaherezi barangurira amabanga yabo mu cumba bita « ahera ”, mu gihe rimwe gusa mu mwaka umuherezi mukuru yarangurira ibanga ridasanzwe ryo gucungurwa mu cumba bita « ahera cane ”, mu ntumbero yo guhumanura ihema ryeranda. Umusi ku musi, umunyavyaha mu kwihana yazana ishikanwa ryiwe ku rwinjiriro rw’ihema maze akarambika amaboko yiwe ku mutwe w’ico kimazi, akatura ivyaha vyiwe, uko akaba ariko avyikurako maze akavyomeka kuri ico kimazi kitagira agasembwa. Mu nyuma rero ico gitungwa carakererwa. Intumwa Paulo avuga ko « hatabayeho kumena amaraso ”, ukurekurirwa ivyaha ntigushoboka. « Kuk’ubugingo bw’umubiri buba mu maraso”(Abalewi 17 ill) Ukurenga ibwirizwa ry’Imana vyasaba umunyavyaha gutanga ubuzima bwiwe. Amaraso, yagereranya ubuzima budatunganye bw’umunyavyaha bwomekererwa kuri ico kimazi, umuherezi yaca ayajana ahera maze akamijagirwa ku gihuzu cari gikingiye isandugu ryari rishinguye amabwirizwa umunyavyaha yari yarenzeko. Ku bw’uwo mugenzo, icaha biciye ku maraso, caba cungururijwe mu buryo ngereranyo kw’ihema ry’ibonaniro. Mu bihe bimwe bimwe, amaraso ntiyajanwa mu cumba citiriwe ahera, ariko inyama z’ico kimazi caba catanzwe zaribwa n’umuherezi nk’uko Mose yabigeze abahungu ba Aroni avuga ati: « Ni ico Uhoraho yabahaye ngo gitume mwishirako ibigabitanyo vy’ikoraniro »(Abalewi 10 : 17). Iyo migenzo yose uko yari ibiri yerekana mu buryo ngereranyo ko icaha gikuwe ku munyavyaha ariko cimuriwe kw’ihema ryeranda.IB 300.1

    Ico ni co gikorwa cama caranguwe, ku musi ku musi, umwaka wose. Uko ni ko ivyaha vya Isirayeli vyimurirwa kw’ihema ry’ibonaniro, kandi igikorwa kidasanzwe cama kiba nkenerwa kugira ngo ivyo vyaha bikurweho.( Imana yagezeko icumba cose c’iryo hema ry’ibonaniro gihumanurwa: « Uko ni ko azoba atangiriye ahera impongano, ku bw’ubuhumane bw’Abisirayeli, no kubwo ibicumuro vyabo, n’ivyaha vyabo vyose ; kandi abe ariko agirira n’ihema ry’ibonaniro, riri hagati yabo, mubuhumane bwabo. » Mbere n’uruhimbi rwategerezwa « guhumanurwa rukezwa kugira ngo rukurweko ubuhamane bwa Isirayeli »(Abalewi 16 :16,19).IB 300.2

    Rimwe mu mwaka, ku musi mukuru w’impongano, umuherezi yarinjira ahera cane kugira ngo ahumanure ihema ry’ibonaniro. Igikorwa caharangurirwa caba giheraheje amabanga yose yaranguwe muri uwo mwaka. Ku musi w’impongano imyagazi y’impene ibiri yarazanwa ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, kandi barayigirirako ubupfindo, «bumwe bukerekana iy’Uhoraho ubundi iyo gusendwa » (Abalewi 16 :8 ) Impeme ubupfindo bwerekana ko ari iyo Uhoraho yarakererwa nk’ishikanwa ry’icaha c’abantu. Kandi umuherezi yategerezwa kujana amaraso yayo akarengana ca gihuzu gitwikiriye ahera cane maze akayamijagira ku ntebe y’imbabazi n’imbere yayo. Ayo maraso kandi yategerezwa kumijagirwa ku ruhimbi boserezako imibavu, rwari imbere y’ico gihuzu.IB 300.3

    « Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw’ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa. Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahatari abantu ; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa »(Abalewi 16 : 21, 22). Iyo mpene yaba yaremetsweko ivyaha ntiyongera kwinjira mw’ikambi aho ab'Isirayeli bari, kandi n’umuntu yaba yayigije kure yasabwa kwiyuhagira kandi akamesura n’impuzu ziwe imbere y’uko agaruka aho abisirayeli bari bakambitse.IB 300.4

    Uwo mugenzo wose wari utumbereye kwereka abisirayeli ubweranda bwimana hamwe n’ukuntu yanka icaha ; kandi hamwe n’ivyo bategerezwa kubona y’uko badashobora kwifatanya n’icaha ngo babure guhumana. Umuntu wese yasabwa ko yokwirimbura mu mutima wiwe mu gihe iki gikorwa c’impongano caba kiriko kirarangurwa. Ibikorwa basanzwe bakora bategerezwa kubanza kubihagarika kandi ikoraniro ryose rya Isirayeli ryategerezwa kumara umusi wose ryicishije bugufi imbere y'lmana, mu masengesho, mu kwisonzesha no mu kurimbura umutima ku buryo bwimbitse.IB 301.1

    Igikorwa c’ingereranyo kirigisha ukuri guhambaye kwerekeranye n’impongano. Haremerwa yuko habaho ikintu gisubirira umunyavyaha; ariko icaha nticazimanganywa n’amaraso y’ikimazi. Hari harategekanijwe uburyo icaha cokwimurirwa kw’ihema ryeranda.IB 301.2

    Kubwo ishikanwa ry’amaraso, umunyavyaha yaremera ububasha bw’ibwirizwa, akatura icaha ciwe mu kugabitanya , kandi akerekana icipfuzo ciwe co guharirwa biciye mu kwizera umucugungizi agiye kuza; ariko ntiyaba arabohorwa ku buryo bwuzuye ngo abe yokwidegemvya imbere y’itegeko rimwagiriza. Ku musi w’impogano, umuherezi mukuru, amaze kwakira ishikanwa ritanzwe n’ikoraniro, yinjira mw’ihema ahera cane afise amaraso y’ico kimazi, maze akayamijagira ku ntebe y’imbabazi, hejuru neza na neza y’amabwirizwa, kugira ngo ashitse ivyo asaba. Hanyuma nk’umuvugizi, yaca yiremeka ivyaha maze akabisohokana abikura mw’ ihema ry’ibonaniro. Yaca arambika ibiganza vyiwe ku mutwe w’impene yasubiriye abantu maze akayaturirako ivyaha vyose, gutyo akaba avyikuyeko, akavyimurira kuri yo. Iyo mpene rero yaca ibijana kure, kandi vyaca biboneka ko bitandukanye n’abantu igihe cose.IB 301.3

    Ico ni co gikorwa carangurwa « nk’akarorero n’ikigereranyo c’ibintu vyo mw’ijuru. » Kandi ivyakorwa nk’ikigereranyo mw’ihema ryo mw’isi birakorwa ukuri kwamye mw’ihema ryo mw’ijuru. Amaze kuduga mw’ijuru, Umukiza wacu yatanguye igikorwa ciwe nk’umuherezi wacu mukuru. Paulo aravuga ati : « Kuko Kristo atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’aho ukuri, ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho, kugira ngo non'aduserukire imbere y’inyonga zimana » (Abaheburayo 9 :24).IB 301.4

    Igikorwa umuherezi yarangurira umwaka wose mu cumba ca mbere c’ihema ryera hirya y’igihuzu giteye bwa rugi bw’ihema kandi catandukanya ahera hamwe n’ikibuga co hanze, cerekana igikorwa Yesu yashitse arangura igihe yari amaze kuduga mw’ijuru. Ryari ibanga ry’umuherezi mu bikorwa vyiwe vya buri musi ko arengukana imbere yimana amaraso nk’ishikanwa ly’impongano y’icaha, hamwe n’imibavu yadugana n’amasengesho y’ikoraniro ryose rya Isirayeli. Uko ni ko Kristo asabisha ikigongwe amaraso yiwe imbere ya Se ku neza y’abanyavyaha kandi agaseruka imbere yiwe azanye amasengesho y’abizera bihanye hamwe n’akamoto keza k’ubutungane bwiwe. Ico cari igikorwa carangurirwa mu cumba ca mbere c’ihema ryeranda ryo mw’ijuru.IB 301.5

    Aho ni ho ukwizera kw’abigishwa ba Kristo kwamukurikiye igihe yakurwa mu maso yabo. Aho ni ho ivyizigiro vyabo bihurira nk’uko Paulo abivuga ati: «Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihuzu gikingiriye ahera cane, aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira. » «Kandi amaraso y’impene cank’ay’amashuri, si yo yamushikanye ahera cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira »(Abaheburayo 6 : 19,20 ; 9 :12 )IB 302.1

    Mu gihe kingana n’ibinjana icumi n’umunani, abaherezi bakomeje kurangurira amabanga yabo mu cumba ca mbere c’ihema ryera. Amaraso ya Kristo, yatanzwe ku banyavyaha bihanye, bakizera, yatumye bahabwa imbabazi kandi baremerwa na Data, ariko ivyaha vyabo vyabandanije kwandikwa mu gitabo c’urwibutso. Nk’uko vyagenda mw’ihema ry’ikigereranyo, hariho igikorwa c’impongano mw’iherezo ry’umwaka ; rero imbere y’uko igikorwa ca Kristo co gucungura umuntu kirangira, hariho igikorwa co guhumanura kugira ngo icaha gikurwe mw’ ihema ry’ibonaniro. Iki ni co gikorwa catanguye igihe ya misi 2300 yarangira. Muri ico gihe nk'uko vyavuzwe imbere y’igihe na Daniyeli uwavugishwa n’lmana, umuherezi mukuru wacu yarinjiye ahera cane, kugira ngo arangure amabanga ahambaye ya nyuma y’igikorwa yashinzwe icese - co guhumanura ihema ry’ibonaniro.IB 302.2

    Ukw’ivyaha vy’abantu vyakurwaho n'amaraso y’ibimazi vy’ivyaha mw’ihema ryo mw’isi ni ko n’ivyaha vyacu bikurwaho n’amaraso ya Kristo mw’ihema ryo mw’ijuru. Kand’ uko ukwezwa kw’ikigereranyo kwo mw’ihema ryo mw’isi kwavanaho ivyaha vyakozwe ni ko ukwezwa nyakuri kwo mw’ihema ryo mw’ijuru kuzokwoza kugahanagura ivyaha vyanditsweyo. Kubera ukwo guhanagurwa kw’ivyaha, ibitabo bitegerezwa gusuzumwa, kugirango haboneke uwihanye ivyaha vyiwe akizera Kristo, ngo yemerwe. Ni co gituma ukwezwa kw’ihema ryeranda arikwo kwashinze urubanza rusuzuma. Ico gikorwa co gusuzuma gitegerezwa gukorwa Kristo ataraza gucungura abantu biwe, kuko ni yaza azoba azanye ingero “kugira ngo agerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:12)IB 302.3

    Gutyo rero abakurikiranye umuco w’ubuhanuzi batanguranye, basanze yuko aho kuza mw’isi ku mpera y’imyaka 2300 mu mwaka w’1844, Kristo yinjiye mw’ihema ryo mw’ijuru mu nyonga z’Imana ubwaho, kugira ngo akore igikorwa ca nyuma c’uguhuza abantu n’lmana, yitegurire ukugaruka kwiwe.IB 302.4

    Vyarabonetse kandi ko mu gihe ishikanwa ritangirwa icaha ritumbereza ku kimazi ca Kristo, hanyuma umuherezi mukuru akaba agereranywa na Kristo nk’umuvugizi, iyo mpene yo kwangazwa yagereranya Satani, we nkomoko y’icaha, akaba ari na we azoremekwako ivyaha vy’abantu bose bihanye atari ivyo umurenzako. Igihe umuherezi mukuru, kubwo agaciro k’amaraso y’ikimazi, yakura ivyaha mw’ihema ryera, yaca abiremeka impene yo gusendwa. Igihe Kristo kubwo agaciro k’amaraso yiwe, akura ivyaha vy’abantu biwe mw’ihema ryo mw’ijuru, igihe arangije igikorwa ciwe, azoca avyomeka kuri Satani, we, mw’isomwa ry’urubanza, azokwiremeka igihano ca nyuma. Impene yo gusendwa yarungikwa kure mu gahinga ahantu hataba abantu, ntiyongera kugaruka na rimwe mw’ikoraniro ry’Abisirayeli. Uko ni ko Satani azokurwa imbere y’inyonga z’Imana ibihe vyose n’imbere y’ubwoko bwayo, kandi azotsiratsizwa mu gihe icaha kizorandurwa hamwe n’abanyavyaha.IB 302.5

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents