Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 3 - Ikiringo Cumwiza Mu Vya Mpwemu

    Intumwa Paulo mw’ikete ya kabiri yandikiye ab’Itesalonike yahanuye ivy’umugararizo ukomeye uzoteba ukubuka mu butegetsi bw’ishengero ry’i Roma.Yavuze icese yuko « umusi wa Kristo utazoza kwa kureka Imana kutabanje kubaho, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, niwe mwana wo kuranduka, umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose, nukw’azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyerekane ngo ni Imana. » Bitayeko iyo ntumwa ikebura bene Se iti: « Ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora ». (2 Ab’iTesalonike 2:3, 4, 7) No mur’ico gihe co hambere yarabona ingene ibicumuro biriko biraza mw’ishengero bukebuke, arivyo vyariko birategurira ubutegetsi bw’ishengero ry’I Roma.IB 37.3

    Bukebuke ku bwenge no mu mpisho, iryo banga ry’umugararizo ryabandanije igikorwa caryo, mu kuzimiza abantu no gutuka Imana; ukw’iryo banga ryarushiriza kwinjizwa mu vyiyumviro vy’abantu ni ko n’igikorwa caryo cibonekeza. Buhoro buhoro mu buryo butibonekeza neza, imigenzo y’ubuhakanyi yahora yinjira mw’ishengero rya Gikristo. Mu gihe kimwe ico ciyumviro co kugirana amasezerano yo kwinjiza imigenzo y’ubuhakanyi mw’ishengero catebejwe n’akarengane gakomeye kaje mw’ishengero mu gihe c’ubutegetsi bwa gipagani. Ariko ah’akarenganyo gahereye, idini ya Gikristo ikakirwa, igashika no mu ngoro z’abami, ishengero ntiryabaye rigisa na Kristo n’intumwa ziwe mu kwicisha bugufi no kugororoka, baraheza batangura kwikuza no gusuzugura nka kumwe kw’abaganza idini ya gipagani, aho gukora nk’ivy’Imana igomba; Ishengero ryishingira inyigisho n’insiguro z’abantu. Barahimbawe cane bavuza impundu aho baboneye Konstantino aje mw’ishengero mw’ijana rya kane, inyuma ya Kristo; kuva ubwo ibikorwa vy’isi vyinjizwa mw’ishengero bisa n’ibitwikiriwe, vyemewe n’ishengero. Gutyo rero ubwononyi burarwira cane. Naho wamenga idini ya Gipagani yaratsinzwe, ahubwo yariko iratsinda. Ivyiyumviro vyayo ni vyo vyategeka ishengero. Imigenzo yayo n’ibikorwa vyayo vy’imisi mikuru, ndetse n’ibindi vy’ukwizera ivy’uburozi vyaravangavanzwe n’ukwizera n’ugusenga kw’abavugako ari abayoboke ba Kristo.IB 37.4

    Kubera ukwo kwifatanya kw’abapagani n’Ubukristo, uwo mugarariji yari yarahanuwe yaboneyeho kuba Umugwanizi yishira hejuru y’Imana. Ukwo gushira hamwe n’idini y’ibinyoma nico gikorwa gikomeye cane cakozwe n’ububasha bwa Satani, -ari co gikorwa cerekana umwete afise wo kwiyimika ngw’aganze isi yose nk’uko agomba.IB 38.1

    Igihe kimwe Satani yashatse kugiriranira amasezerano na Kristo. Yasanze Umwana w’Imana aho yari ari mu bugaragwa kumugerageza, maze amwereka ubwami bwose bw’iyi si hamwe n’icubahiro bufise, aca amwemerera ko yobumugabira hamwe gusa yoba yemeye akamwunamira nk’umutware w’umwiza. Kristo yaratatiye uwo muhendanyi atagira umuntu n’umwe yibanga maze aramuhinda aragenda. Ariko rero Satani biramworohera cane iyo ahendesheje abantu ikinyoma nk’ico. Ukw’ishengero ryarushiriza kwifuza kwunguka no kuronka icubahiro c’isi, ni nako ryinjijwe mu rukundo rwo gufashwa n’ab’isi; kandi rimaze guhakana Kristo ryikwegeye kuba musi y’ubutegetsi bwa wa Mubi: umutware w’ishengero ry’i Roma.IB 38.2

    Inyigisho imwe ihambaye y’Ishengero ry’i Roma ni uko Papa ariwe mutwe ugaragara w’ishengero rya Kristo, ahantu hose; akaba ariwe yahawe abepisikopi n’abavugabutumwa bose kw’isi yose. Bitayeko kandi amazina yose yari ay’Imana yarayafashe. Yarataziriwe ngo “Umwami Imana Papa”, kandi biratanganzwa yuko atihenda. Asaba yuko yubahwa n’abantu bose. Icipfuzo Satani yipfuza gushikako igihe yari atumbereye kugerageza Yesu mu bugaragwa ntarigera akivirira na n’ubu. Yipfuza kugishikako yinyegeje, muri kino gihe, inyuma y’ishengero ry’i Roma kandi abantu benshi bariteguye kumwunamira.IB 38.3

    Ariko rero, abatinya kandi bakubaha Imana bafise inyishu ibereye ku mangetengete Satani abashira imbere nk’uko Yesu yahanganye n’umurwanizi hamwe yamubwira ati: “usenge uhoraho, Imana yawe, abe ariyo usaba yonyene”.(Luka 4:8) Nta na hamwe Imana yerekanye mw’ijambo ryayo ko hariho umuntu yashinze kuba umutwe w’ishengero uretse Kristo. Inyigisho yerekana ko papa ari hejuru ya vyose irahushanye n’iyo dusanga mu Vyanditswe vyera. Nta bubasha umwepisikopi w’i Roma ashobora kugira kw’ishengero rya Kristo uretse ubwo yoba yihaye ubwiwe.IB 38.4

    Abayoboke b’ishengero ry’i Roma ntibahengeshanije kwagiriza abaprotestanti inyigisho z’ibinyoma kandi ko bagambiriye kwitandukanya n’ishengero ry’ukuri. Ariko rero ivyo bagiriza abandi nibo nyene vyerekeye. Nibo ubwabo bamanuye ibendera ya Kristo maze bitandukanya n “ukwizera abera bahawe rimwe gusa”.(Yuda 3)IB 39.1

    Satani yari azi yuko abantu basoma Ivyanditswe vyera bazoshobora gutahura ubuhendanyi bwiwe. Mbere n’umukiza yamutsindishije ijambo ry’Imana. Kristo mu kumutsinda yahora amukinga inkinzo y’ukwizera kw’Imana, akavuga ngo vyanditse ngo. Yatsindishije ijambo ryose ry’umwansi ububasha bw’Ivyanditswe. Noneho rero ko Satani yagomba kubandanya kuganza no kwerekana ubutware bw’ishengero ry’i Roma, ari ryo ryafashe ububasha butari ubwaryo, vyari ngombwa ko ayobeza abantu Ivyanditswe Vyera. Bibiliya yari gushimagiza Imana no kwereka abantu ukuri; nico catumye abona kw’ivyomubera vyiza ari uko yohisha inyigisho za Bibiliya. Kandi rero ishengero ry’i Roma ryakoresheje ubwo buryo nyene. Haheze imyaka amajana menshi gukwiza ibitabo vya Bibiliya vyitwa icaha. Abantu barabuzwa rwose gusoma Bibiliya canke kuyitunga mu ngo zabo, kandi abapadiri n’abepisikopi b’abahakanyi basobanura inyigisho za Bibiliya ku buryo bugaragaza ibinyoma vyabo. Gutyo rero Papa yarashobora kwemererwa kw’isi yose ko ari Igisongerezi c’lmana mw’isi, akaba ari we aganza Ishengero na Leta.IB 39.2

    Nimba igitabo cari gushobora guserura ibinyoma cari cavanyweho, Satani yarashobora gukora ico agomba cose. Ubuhanuzi buvuga icese yuko ishengero ry’i Roma rizogerageza « guhindura ibihe n’amabwirizwa.» (Daniyeli 7:25) Kandi ntiryatevye gukora ivyo. Kugira ngo abantu bave mw’idini ya Gipagani no kugira ngo bemere idini ya Gikristo vuba, bakuyeho gusenga ibishusho vy’abapagani, babazanira mu masengero amashusho n’ibicapo vyahezagiwe be n’ivyibutso vy’aberanda ba kera ngo basengwe. Uburuhiro inama nkuru yitwa « Concile Generale » yashinze itegeko ryo gusenga ibishusho mw’ishengero ry’i Roma. Kandi kugira ngo ishengero ry’i Roma rinyegeze ubushakanyi no kurwanya Imana, ryarubahutse rihanagura ibwirizwa rya kabiri mu mabwirizwa y’lmana, ari ryo rimwe ribuza gusenga amashusho, baraheza bagabura irya cumi mw’abiri kugira ngo igitigiri gisanzwe ntigipfe.IB 39.3

    Ariko ico ciyumviro co kwemera kw’inyigisho nk’iz’abapagani zikorerwa mw’ishengero categura uburyo burengeje bwo kugaya ubutware bw’Imana. Satani yakuyeho ibwirizwa rya kane, agerageza kuzimanganya isabato ya kera, ari wo musi Imana yahezagiye ikaweza (Itanguriro2:2, 3), maze mu kibanza cawo ahasubiza umusi mukuru waninahazwa n’abapagani nk’ « umusi mukuru w’izuba. » Ubwa mbere iryo hinduka ntiryakozwe icese. Mu myaka amajana hanyuma ya Kristo, abakristo bose baruhuka isabato y’ukuri. Bahora bitwararitse kwubaha Imana, bakizera yuko amabwirizwa yayo adahinduka, bagahorana igishika co kuzigama ubweranda bw’amabwirizwa yayo. Yamara rero Satani yakoresheje ubwenge cane kugira ngo asohoze imigabo yiwe. Abigira nkana ahindurira abantu ku musi w’izuba (ari wo Dimanche), uwo musi nyene ugirwa uwo kwibuka izuka rya Yesu. Amateraniro y’idini bayashira kuri uwo musi nyene; na none kandi bawugira umusi w’ibikino no kwinezereza kandi ukomezwa nk’isabato yahezagiwe.IB 39.4

    Nko gutegurira inzira igikorwa yari atumbereye gushikako, imbere yuko Yesu avuka, Satani yari yihanze mu barongozi b’abayuda kugira ngo Isabato bayiremereze ibintu vyinshi bitabereye kuyirangurwako, maze bituma kurondera kuyubahiriza biba umutwaro. Rero, yuririye ku kuntu yari yatumye abantu babaho batagira umuco uhagije werekeranye n’Isabato; yaciye ayiremeka karangura gatuma abantu bayibuka nk’umugenzo w’abayuda. Mu gihe abakristo babandanya kwubahiriza umusi w’iyinga (dimanche) nk’umusi w’ibikinp, yarabakoresheje mu ntumbero yo kubankisha ivyo abayuda baha agaciro, abereka ko Isabato ari umusi wo kwisonzesha, umusi w’umubabaro n’agahinda.IB 40.1

    Mu ntango y’ikinjana ca kane, Konstantino akiri umupagani yashinze itegeko ko « Dimanche » ibaye umusi mukuru ku bantu bose no mu gihugu cose c’ubwami bw ‘abaroma. Umusi w’izuba waraninahazwa n’abapagani afiseko ububasha nk’umwami ariko kandi n’abakristo barawubahiriza. Ryari itegeko ry’umwami kuko yarondera ikintu conywanisha abapagani hamwe n’abakristo. Abarongozi b’ishengero nibo bari bamusunitse ngo ashireko iryo tegeko kubwo kwipfuza no kugira inyota y’ivyubahiro n’ubutware. Bari bamaze kubona ko, abakristo n’abapagani bahuriye ku musi umwe bakawubahiriza, ivyo vyoba bibaye inzira nziza ku bapagani yo kwemera idini rukristo; ivyo vyari kuba bihaye ishengero akaryo keza ko gukomera, rigatsimbatara kandi rikubahwa. Ariko rero mu gihe abakristo benshi batinya Imana bagenda buhoro buhoro bafata umusi w’iyinga nk’umusi ufise urugero runaka rw’ubweranda, babandanya kuruhuka Isabato y’ukuri nk’umusi w’umwami kandi bakawuziririza kubwo kwubahiriza ibwirizwa rya kane.IB 40.2

    Ariko rero wa murwanizi mukuru ntiyari bwaheze igikorwa ciwe. Yagize iciyumviro co gukoraniriza hamwe abakristo bose musi y’ubutegetsi bwiwe, agakoresha ububasha bwiwe mu buryo bw’umwepisikopi w’i Roma, yishize hejuru mu kwigira igisongerezi ca Kristo. Mu gihe abantu bigira abakristo ataribo, ahubwo ari ukwemera igice gusa, abepisikopi bakironderera ibikomeye, abizera b’ishengero nabo bakironderera ibibanezereza vy’isi, niho Satani yaciye ashitsa imigabo yiwe. Kenshi na kenshi hahora haba inama z’abakuru b’ishengero bavuye kw’isi yose. Mur’izo nama, isabato yashinzwe n’lmana yasubizwa inyuma, igakengerwa; naho « Dimanche » igashemagizwa gusa. Uko niko umusi mukuru w ‘abapagani waninahajwe uba nk’uwashinzwe n’Imana, maze Isabato ya Bibiliya igakengerwa, igasigara ari igisigi c’abayuda, abayiruhukako nabo bakitwa ibivume.IB 40.3

    Aho rero uyo mugarariji ahambaye yari ashoboye kwishira « hejuru y’icitwa Imana cose canke igisengwa.»(2 Ab’i Tesalonike 2:4.) Yari yubahutse guhindura itegeko ryo mu mabwirizwa y’Imana, ari ryo ryonyene ryereka abantu Imana nyakuri. Mw’ibwirizwa rya kane, Imana igaragaza kw’ari yo muremyi w’ijuru n’isi, kandi ni co kiyitandukanya n’ibigirwamana vyose. Umusi w’indwi wahezagiriwe kugira ngo abantu bahore bawuruhuka mu kwibuka igikorwa c’ukurema. Yari imigabo y’Imana ngo baze bahore bawibukako yuko ari yo nkomoko y’ubuzima bwacu, kandi ko ari yo ibereye guhimbazwa. Satani arihatira cane kubuza abantu kwubaha Imana canke amabwirizwa yayo, gutyo akaba yishize mu ndwano yo kurwanya rya bwirizwa ryereka abantu ingene Imana ari yo Muremyi.IB 40.4

    Ubu abaprotestanti (ari bo bakristo bahakana inyigisho zimwe zimwe z’ishengero ry’i Roma) benshi bavuga yuko « Dimanche » ariyo sabato y’abakristo, kuko Kristo ari wo musi yazutseko. Ariko ntaho Bibiliya yemeza iryo jambo.Ndetse na Kristo ubwiwe canke intumwa ziwe ntibigeze bahimbaza uwo musi. Ivyo guhimbaza « Dimanche » nk’umusi mukuru rukristo vyatanguwe na rya « banga ryo kugarariza » (2 Ab’iTesalonike 2:7) ari ryo ryari ryatanguye igikorwa caryo mu gihe Paulo yari akiriho. None umwami yemeye ivyo ryari, kandi yavyemereye hehe? Bitayeko impamvu nyayo yotangwa ngo yemeze iryo hinduka ritemezwa n’Ivyanditswe Vyeranda ni iyihe?IB 40.5

    Mu kinjana ca gatandatu ububasha bwa papa bwarakomejwe cane. Intebe y’ubukuru bwiwe yashinzwe mu murwa mukuru wa cami, maze papa yitwa umutwe w’amashengero yose. Ubutegetsi bwa kera bwa gipagani bwaviriyeho ubutegetsi bwa papa. Inzoka yahaye igikoko ububasha bwayo n’intebe yayo y’ubwami n’ubushobozi bwinshi.(Ivyahishuriwe Yohana 13:2) Imyaka 1260 y’akarenganyo k’ishengero ry’i Roma kahanuwe na Daniyeli na Yohana yari ikwiye.. (Daniyeli 7:25; Ivyahishuriwe Yohana 13:5-7) Abakristo bagoberewe guhitamwo kureka ukwizera kwabo, ngo bemere ibisharizo vy’idini n’imigenzo y’ishengero ry’i Roma canke ngo bafungwe igifungo c’ubuzima bwabo bwose, canke ngo batabwe mu muriro, gufyondafyondwa mu mashini canke gucibwa imitwe, maze isi yose icika ikibanza c’intambara. Gutyo rero ivyavuzwe na Yesu birashika ngo : « Ariko muzoshengezwa n’abavyeyi banyu nabo, na bene nyoko n’incuti n’abakunzi, bamwe muri mwebwe bazobica. Muzokwankwa na bose babahora izina ryanje ».(Luka 21:16, 17) Agahamo kababaje abantu ku buryo butari bwigere buboneka. Mu myaka myinshi abantu bo mw’ishengero rya Kristo bibera mu kinyegero. Uko niko umuhanuzi abivuga, ati: « Umugore ahungishirizwa mu bugaragwa, ah’afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu.»(Ivyahishuriwe Yohana 12:6)IB 41.1

    Intango y’ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma niyo yabaye intango y’ibihe vy’umwiza. Uko ububasha bw’ishengero bwongerekana niko n'umwiza warushiriza kuba mwinshi ; ukwizera kw’abantu kukavanwa kuri Kristo Urufatiro rw’ ishengero nyakuri, maze bagaheza bagashimagiza Papa. Aho kwizigira ko Umwana w’Imana abarekurira ivyaha ngw’abahe agakiza kadashira, batumbera papa n’abepisikopi n’abapadiri papa yahaye ububasha. Bigishijwe yuko papa ariwe abahuza n'Imana, kandi yuko atawokwegera Imana adaciye kuri papa, bitayeko niwe ababereye mu kibanza c’Imana; kubera ivyo rero, ngo ni yubahwe agamburukirwe. Kutamugamburukira no kudakora ivyo agomba yari impamvu itera igihano gikomeye c’umutima n’ic’umubiri. Uko niko abantu bavuye ku Mana kugira ngo bashimishe abantu bacumura, baraheza bakorera umwami w’umwiza ubwiwe, akabakoresha igikorwa ciwe. Icaha catwikirijwe impuzu z’ubweranda. Iyo Ivyanditswe Vyeranda biretswe,umuntu agatangura kwiyumvira ko ariwe mukuru, ico dusigara twiteze ni uburyarya n’ubuhendanyi n’ubuhakanyi. Mu gushimagiza amabwirizwa n’ingeso vy’abantu, niho ububi bwose bwo kureka gukurikiza amabwirizwa y’Imana bwagaragariye.IB 41.2

    Iyo misi yari iy’umubabaro kw’ishengero rya Kristo. Abantu b’abanyakuri rwose bari basigaye ari imparurwa. Naho hari hakiriho abashingantahe bahagarariye ukuri, ariko kenshi wamenga ivyaha n’imigenzo mibi nk’ukwizera ivy’uburozi bigira bitsinde, nayo idini yari hafi yo kuzimangana kw’isi. Ubutumwa bwaribagiranye, ahubwo bagwiza ibigereranyo vyinshi, maze abantu baremererwa no kwakvva vyinshi bitari ivy’ukuri.IB 41.3

    Abantu ntibigishijwe ko papa abahuza n’Imana gusa, ahubwo mbere bigishijwe no kwizigira ibikorwa vyabo kugira ngo barekurirwe ivyaha. Ingendo ndende,ibihano vy’ibicumuro, gusenga ivyibukiro vy’aberanda no kwubaka insengero, n’ibicaniro, no gutanga amahera menshi mw’ishengero -ivyo vyose n’ibindi bikorwa vyakoreshwa ku gahato kugira ngo Imana ntibashavurire, canke ngo Imana ibagirire neza ; ukamenga ngo Imana ni nk’umuntu ishavuzwa n’ubusa, canke ihwamikwa n’amashikanwa n’ibikorwa vyo kwibabaza!IB 42.1

    Nubwo ikibi cari camaze kwaka indaro mu barongozi b’ishengero ry’i Roma, ubwaku bwaryo ku bantu bwakomeza kwiyongera. Nko mu mpera z’ikinjana c’umunani, hatanguye gushirwa imbere iciyumviro c’uko mu myaka ya mbere na mbere ishengero ritanguye, ko abepisikopi b’i Roma bari baza basanzwe bafise ubushobozi mu vya Mpwemu nk’ubwo bemanga ko bafise ubu. Kugira ngo bavyerekane, hategerezwa gukoreshwa uburyo bumwe bugaragariza bose ko bari n’ububasha budasanzwe; iki naco kikaba cari iciyumviro gifise inkomoko kuri se w’ikinyoma. Abapadiri bariremeye inyandiko bazita ko ari iza kera. Ingingo ugutwi kutigeze kwumva, bavuga ko zapfunditswe mu manama, zarashizwe ahabona, zitumbereye kwerekana ubushobozi, bwatanguye kuva kera, papa afise kw’isi yose. Ishengero ryari ryirengagije ukuri ryahavuye ryakirana igishika cinshi ivyo binyoma.IB 42.2

    Abantu bakeya bari bubatse ku mushinge w’ukuri (I Ab’i Korinto 3:10, II) vyabateye amakenga, baradidanirwa, mu gihe babona ububi bw’inyigisho z’ibinyoma bubugarije. Nko mu gihe ca Nehemiya hariko harubakwa impome z’i Yerusalemu, bam we muri bo bihutiye kuvuga bati: “abikorezi bacitse intege kuko hari ibishingwe vyinshi, ntitugishoboye kwubaka uruzitiro”. (Nehemiya 4:10) Kubera ukwama bahanzwe kubwo uguhangana n’agahamo, ubusuma, ubugizi bwa nabi hamwe n’ibindi bitsitaza vyose Satani yabashira imbere kugira ngo ababuze kwisununura. Bamwe mu bari barabaye abizigirwa batanguye gucika intege; maze kubwo kugerageza kuronderera amahoro n’umutekano ivyo batunze hamwe n’ubuzima bwabo, baca bavavanura n’umushinge w’ukuri, bawigiza inyuma. Abandi nabo ntibatewe ubwoba n’urwanko rw’abansi babo, baramenyesheje ata bwoba bati: “Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye, ateye ubwoba”.(Nehemiya 4:14) Abo babandanije igikorwa bariko, umwe wese yibangikanije ikirwanisho ku ruhande rwiwe. (Abanyefeso 6:17.)IB 42.3

    Agatima nk’ako ko kwanka no kurondera gutoteza ukuri kamye karanga abansi b’Imana mu bihe bitandukanye; kandi ukuba maso no kuguma mu bwizigirwa ni ibintu abakozi b’Imana bakwiriye kwama bitwararitse. Amajambo Yesu yabwiye abigishwa biwe aracafise agaciro ku bamwemera kandi n’ubu bamukurikira, ubwo igihe kiriko kirashika ku musozo: “Arikw ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye”. (Mariko 13:37)IB 42.4

    Umwiza wabandanije kwiyongera. Ugusenga ibishushanyo vyakwiriye hose. Ibishashara vyaratswa bigaterekwa imbere y’ibishushanyo maze amasengesho y’abantu agatumberezwa kuri vyo. Umugenzo udafise insiguro wo kwemera ibintazi warashinze imizi. Ubwenge bw’abantu bwari bwafashwe mpiri n’ukwo kwemera ibintazi ku buryo uguha ibintu agaciro kavyo bitari bikizirikanwa. Mu gihe abapadiri n’abepiskopi bari basigaye bo ubwabo bakunda ukwinezereza, bashimishwa n’ibihimbara umubiri kandi bakira ingurire; nta kindi cari gushikira abantu babahoza ko amaso bagomba kubakurako akarorero keza, uretse kudobera mu butamenya no mu bugizi bwa nabi.IB 42.5

    Hariho iyindi ntambuko yatewe muri ukwo kurenga akarimbi kw’abarongozi b’ishengero i Roma, aho mu kinjana ca cumi na rimwe, Papa Gregori w’indwi yatangaza ko ishengero ry’i Roma ritunganye. Kimwe mu bintu yatangaje icese ni uko yavuze ko ishengero ritarigera ryihenda, kandi ko bitazokwigera bishika na rimwe ko rihusha intumbero hisunzwe Ivyanditswe. Ariko ivyo yavuze nta na hamwe tubisanga mu Vyanditswe. Uwo murongozi w’ishengero yishira hejuru yaranavuze ko afise ububasha bwo gukura ku butware abate we iteka mu kugigwa abanyacubahiro, mu kuzezwa amabanga yo gutwara ibihugu; yabandanije yemanga ko ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo guhindura ingingo aba yafashe, ariko ko ariwe wenyene afise uburenganzira bwo kuba yohindura ingingo zafashwe n’abantu bose.IB 43.1

    Ikimenyamenya giteye ubwoba cerekana kamere yo gutwaza umukazo y’uyu murongozi w’ishengero yishira hejuru avuga ko adashobora kwihenda kibonekera mu migenderanire yagiraniye n’umwami w’ubudagi, Heneriko wa kane. Kubwo kwagirizwa ko yasuzuguye itegeko papa yari yatanze; uwo mwami yarirukanywe mw’ishengero Gatolika kandi akurwa no ku butegetsi bw’igihugu. Ku bwo guterwa ubwoba, kwiyonkora kw’abaganwa biwe hamwe no ku murwanya kubwo itegeko papa yari yabahaye ko bamugumukana; Heneriko yabonye ko icomubera ciza ari uko yosubiza hamwe n’ubutegetsi bw’ishengero i Roma. Aherekejwe n’umugore hamwe n’umukozi wiwe yamugamburukira, bafashe urugendo rwabacishije mu mitumba ihanamye yo mu Butaliyano, mu gihe imbeho aho hantu yazura inzara, kugira ngo aje gukubita inkoro hasi imbere ya papa. Ashikiriye ingoro papa Gregori yari yaje kugereramwo muri iyo misi, baramwatse abamucungerera ubuzima maze bamujana ku kibuga co hanze, mu gihe c’igikonyozi kidasanzwe, ataco yipfutse mu mutwe, yakuye ibirato, yambaye impuzu zibayabaye; arindiririzwa ng’aho kugira ngo papa abanze atange uruhusha rw’uko yorengutswa imbere yiwe. Kugira ngo n’imiburiburi papa amwumvire akagongwe, amwakire; vyamufashe imisi itatu yo kwisonzesha no kwigaya, yatura. N’aho nyene, umwami Heneriko yategerezwa kurindira ko papa, bivuye ku gushaka kwiwe wenyene, amukomorera uburenganzira bwo kwongera gutunga ibimenyetso vy’ubwami hamwe no kurekurirwa kwongera kugira ubushobozi bwo kwicara ku ntebe y’ingaji. Ivyo rero vyatumye papa Gregori agira indwi yikakisha, yiha impigi avuga ko afise ubushobozi bwo gucisha bugufi ubwibone bw’abami.IB 43.2

    Hariho ubudasa bugaragara hagati y’ukwishira hejuru kurenze urugero kw’uyo murongozi w’ishengero hamwe n’uburwaneza n’ukwiyorosha vya Kristo, yishingira intahe wenyene avuga ko ahagaze ku rugi yinginga umutima wawe ngo umwakire, kugira ngo arengukane iwawe amahoro n’imbabazi; we yigishije abigishwa biwe ati: “kand’ugomba kuba uw’imbere, azobe umuja wanyu”. (Matayo 20:27)IB 43.3

    Imyaka amajana menshi yarashize maze bigaragara yuko amakosa y’inyigisho zigishwa na Roma yongerekana cane. Mbere n’ubutegetsi bwa papa butarakomera, inyigisho z’abapagani b’abanyabwenge zari zimaze kwinjira mw’ishengero. Abenshi biyita abakristo bari bagifatanije n’imigenzo ya Gipagani kandi ntibabandanije kwiyigisha bonyene gusa, ahubwo bahatira abantu gukurikiza izo nyigisho kugira ngo babonereho kugira ububasha n’umwumvikano mu bapagani. Uko niko inyigisho nkuru nkuru zatanguye kwinjira mw’idini ya Gikristo. Inyigisho imwe ihambaye cane mur’izo kwari ukuvuga yuko abantu badapfa ngo bahere kandi nko abapfuye bagumana ubushobozi bwo kwiyumvira. Iyo nyigisho y’ikinyoma ni yo yabaye inyanduruko y’umugenzo w’abaroma wo gusenga aberanda bapfuye kera no hamwe na Bikira Mariya. Kuva ico gihe haradutse n’ikindi, ngo abatazohinduka bazokwicwa batsiratsizwe. Iyo nyigisho yarakiriwe iba nk’itegeko ry’idini y’abaroma, igihe umugararizo wari ugitangura.IB 43.4

    Aho rero bari bahejeje gutangura gutegura ubundi buryo bwo kwadukana ubupagani, ari bwo abaroma bita « Purgatori » (niukuvuga ah’abantu bakoze ivyaha bitobito batunganirizwa) ; ubwo buryo bwakoreshwa bwari ubwo gutera ubwoba abanyabwenge buke n’abadakomeye mw’idini. Izo nyigisho ni zo zivuga ko hari i purgatori bababarizwamwo cane, akaba ariho abatabereye kuranduka rwose (ngo ab’ivyaha bitobito) bategerezwa guhanirwa kubw’ivyaha vyabo, maze bahejeje kwozwa no kwezwa ivyaha, baheze bemererwe kuja mw’ijuru.IB 44.1

    Yamara rero vyari ngombwa ko hashingwa iyindi nyigisho ituma Roma ironka itunga rivuye ku bwoba bw’ivyaha vy’abayoboke bayo. Hashinzwe inyigsho yitwa « indulujensiya » ariko kuvuga, indagano yo kurekurirwa ivyaha, kubera ko wagize ikintu ukora. Ikigongwe c’ivyaha vyakozwe, ivy’ubu n’ibizokorwa, no gukurwako ububabare bwose n’ibihano vyose, -ivyo vyose vyaraganiwe abazokwitangira kurwanira papa ngo ingoma yiwe ikwire kw’isi hose, mu kurwanya abansi biwe, no guhana abazokwubahuka guhinyuza ubukuru bwiwe. Abandi bigishijwe kandi yuko iyo batanze amafranga menshi, bayaha ishengero,bashobora kurekurirwa ivyaha vyabo kandi bakarokora bene wabo bari mw’i purgatori. Uko niko Roma yujuje amasandugu amahera, yirundaniriza itunga, icubahiro n’ubuhakanyi vya bamwe biyita intumwa za wa wundi atagira ah’arambika umusaya.IB 44.2

    Itegeko rya Bibiliya ryerekeye Ameza y’Umwami canke “ugusangira kweranda” ryavanyweho mu gishingo caryo hasubizwa Misa imeze nko gusenga ishusho. Mu gihe bakora ibitagira umutwe n’amaguru, abakuru b’ishengero ry’i Roma barihayagiza mu kuvuga yuko bafise ububasha bwo guhindura umutsima n’umuvinyu, bigacika umubiri n’amaraso vya Yesu rwose. (Cardinal Wiseman, The Real Presence of the Body and Blood of Our Lord Jesus Christ in the Blessed Eucharist, Proved From Scripture, lecture 8, sec. 3, par. 26.) Kubera ubwishime n’ubuhakanyi bavugako bafise ububasha bwo « kurema Umuremyi wabo. » Abakristo bose bategetswe guhitamwo kwemera ko bizeye izo nyigisho zituka Imana canke bakemera gupfa. Abanse kwemera izo nyigisho bose baturirwa babona.IB 44.3

    Mu kinjana ca cumi na gatatu, hashizweho igikoresho carushije ibindi vyose gushigikira no kwamamaza ubupapa: Sentare y’ubupapa. Abarongozi bo hejuru b’abishikira kwa papa bakorana n’umuganwa w’umwiza. Mu Manama bagira mw’ibanga, Satani n’abamarayika biwe barigaruriye ivyiyumviro vy’abantu baganzwa n’ikibi, mu gihe hagati muri bo haba hahagaze umumarayika w’lmana afata icegeranyo giteye ubwoba c’ingingo zirenganya bafata kandi yandika amateka ateye ubwoba y’ivyo bakorera mu maso y’abantu. “Babuloni ihambaye” yari yaborejwe “n’amaraso y’abera”. Amarira y’amamiliyoni y’abamaratiri batotejwe, bakankirizwa ubuzima, yashikiye Imana asaba yuko ubwo butegetsi bw’ubuhakanyi ivyo bukora bwobisubirizwa mu ndumane.IB 44.4

    Ubupapa bwari bwahindutse ubutegetsi bukoresha igikenye kuri iyi si. Abami n’abatware bakomeye barunamira ingingo zifashwe n’uyo mutegetsi ntavuguruzwa w’ishengero i Roma. Kazoza k’abantu, k’igihe co hagufi canke k’ibihe vyose kasa nk’uko kari mu minwe yiwe. Mu gihe c’imyaka amajana n’ayandi, inyigisho zivuye i Roma zarakwiragijwe hose kandi zirakirwa zidasuzumwe neza. Imigenzo hamwe n'imisi mikuru yaho yarubahirizwa ata guca i ruhande. Urwego rw’abakozi b’i Roma rwari rwubashwe kandi rufashwe mu mugongo mu buryo buboneka. Nta kindi gihe nk’ico ishengero ry’i Roma ryigeze ryubahwa nk’uko, rikabona ko rihimbawe kandi ko rifise ububasha.IB 45.1

    Ariko rero mu gihe vyaboneka ko umurango uramye ku bu papa, isi yo yari yinjiye mw’ijoro ry’umwiza w’umuzitanya - J.A Willie, The History of Protestantism, b.l, ch.4. Ivyanditswe vyera ntivyari bimenyerewe, haba mu bantu, haba no bapatiri. Mu bafarisayo ba kera, abakuru b’abaroma baranka umuco rwose kugira ngo ivyaha vyabo ntibije ahabona. Bamaze kuvanaho amabwirizwa y’Imana, ariyo yari urugero rw’ubutungane, baca batangura gukoresha ububasha burengeye ingero; bakora ibibi ata nkomanzi. Ubuhendanyi, umunoho w’itunga n’ubusambanyi birongerekana. Abantu ntibashoboye kwitandukanya n’ikibi ic’arico cose gishobora kubazanira itunga n’icubahiro. Ingoro z’abapapa n’abepisikopi zari zisigaye zuzuye ubusambanyi no kuborerwa. Abandi bapapa barakoze mbere n’ubundi bwononyi bubi cane, gushika aho abakuru b’ibihugu bagerageza kuvanaho abo bakuru b’lshengero aho baboneye ko ari abantu babi rwose, batakibereye ubukuru bashinzwe. Mu myaka amajana menshi nta majambere na make yabayeho mu kwigisha ubuhinga canke imigenzo myiza. I vya Mpwemu n’ivy’ubwenge vyarazimanganye rwose mu bihugu vyose vy’abakristo.IB 45.2

    Mu gihe c’ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma, isi yashikiwe ku buryo buteye ubwoba kandi butangaje n’aya majambo y’uwavugishwa n’Imana Hoseya: “Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge: wewe ko wataye ubwenge, nuko nanje nzoguta... Raba waribagiye ibwirizwa ry’Imana yawe nanje nzokwibagira abana bawe.Nta kindi kiriho atari ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu n’amaraso ahorwa ayandi”. (Hoseya 4:6, 1, 2.) Iyo yari ingaruka yo kuba bararondeye kuzimanganya ijambo ry’Imana.IB 45.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents