Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 28 - «Itohozwa Ry'urubanza ”

    Uwavugishwa nimana Daniyeli aravuga ati : « Nkomeza kwitegereza bakiriko barashiraho intebe z’ubwami ; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’umushatsi wiwe wasa n’ubwoya bw’intama yera derere; intebe y’ubwami bwiwe yari nk'ibirimi vy’umuriro, kand’amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka. Uruzi rw'umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa ibitabo birazingururwa.” (Daniyeli 7:9,10)IB 340.3

    Uko ni ko umuhanuzi yabonye mu vyo yeretswe umusi uhambaye kandi w’iteka, igihe kamere hamwe n’ubuzima bw'abantu bizokwerekanwa imbere y’umucamanza w’isi yose, kandi umuntu wese agahabwa « ibikwiranye n’ivyo yakoze ». Wa wundi wa mbere na mbere ni Imana Data. Umunyezaburi avuga ati : « Imisozi itaravuka, utararamukwa isi n’ibihugu, uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira, ni wewe Mana. »(Zaburi 90 :2) Ni we soko y’ubuzima bwose kandi ni we nkomoko y’amategeko yose azokwisungwa mu rubanza. Abamarayika ibihumbi n’ibihumbagiza, amasinzi n'amasinzi, bashashe muri urwo rubanza nk’abumviriza kandi nk’ivy abona.IB 340.4

    « Kandi mu vyo neretswe mw’ijoro nagize ntya mbona haje uwusa n’umwana w’umuntu, azanye n’ibicu vyo kw’ijuru aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji n’icubahiro n’ubwami, kugira ngo amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe : ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ubwami bwiwe n'ubwami butazohangura. »(Daniyeli 7 :13,14) Ukugaruka kwa Kristo kuvugwa hano si ukugaruka kwiwe kw’isi. Arenguka imbere ya wa Wundi wa mbere na mbere mw'ijuru kugira ngo yakire inganji n’icubahiro n’ubwami azohabwa amaze igikorwa ciwe co kudusabira imbabazi ku Mana. Uku ni kwo kuza kwavuzwe mu buhanuzi kuzoshika mw’iherezo ry’imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu mu mwaka w’ 1844 ; si ukugaruka kwiwe kw’isi. Agendaniwe n’abamarayika bo mw’ijuru, umuherezi wacu mukuru yinjiye ahera cane maze arenguka mu nyonga z’lmana kugira ngo atangure igikorwa ciwe ca nyuma ariko ararangura ku neza y’umuntu - gukora igikorwa c’ugutohoza urubanza hamwe no gutangira impongano abo bose baboneka ko babibereye.IB 341.1

    Mw’ihema ry'ikigereranyo ryo kw’isi, abantu baba baje imbere y'lmana bemera ivyaha vyabo kandi bavyihana bonyene ; abantu kubwo amaraso atanzwe nk’ishikanwa ry’i vyaha, ivyaha vyabo vyaca vyimurirwa kw’ihema ry’ibonaniro, ni bo baronka akarusho ku musi mukuru w’impongano. Rero no ku musi uhambaye wa nyuma w’impongano hamwe n’itohozwa ry’imanza, abazoharonkera akarusho, ivyaha bikazirikanwa ni abo bonyene biyerekana nk’abantu b’Imana. Urubanza rw’ababi ni ikindi gikorwa kiri ukwaco kandi gitandukanye, kandi ruzoshika mu bihe vy’inyuma. « Kukw’igihe gishitse c’uk’urubanza rutangurira mu nzu y’Imana : none ko rutanguriye muri twebwe, iherezo ry'abatumvira ubutumwa bwiza bw’Imana rizomera rite ? »(1 Petero 4:17)IB 341.2

    Ibitabo vyo mw'ijuru vyandikwamwo amazina y’abantu n’ibikorwa vyabo ni vyo bizokwisungwa kugira ngo hafatwe ingingo mu rubanza. « Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa. » Yohana ari i Patimo yahishuriwe ivy’urwo rubanza. Ibindi aruvugako nawe ni ibi: « Kand’ikindi gitabo kirazingururwa ni co gitabo c'ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo zikwiranye n’ivyo bakoze. »(Ivyahishuriwe Yohana 20 :12)IB 341.3

    Igitabo c’ubugingo kirimwo amazina y’abo bose bigeze kwinjira mu gikorwa c’Imana. Yesu yahanuye abigishwa biwe ati : « munezerezwe n’ukw’amazina yanyu yanditswe mw’ijuru. »(Luka 10 : 20) Paulo avuga ivy’abantu b’abizigirwa basangiye igikorwa : « Amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo. »(Ab’i Filipi 4 :3) Daniyeli atumbereza amaso yiwe « ku gihe c’umubabaro utigeze kubaho » avuga ko abantu b’Imana bazocungugwa,” umuntu wese azoboneka ko yanditswe mu gitabo.” Yohana nawe amenyesha ko abo bonyene bazokwinjira mu gisagara c’Imana ni abo amazina yabo yanditswe « mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi. »IB 341.4

    « Igitabo c’urwibutso » kirandikwa imbere y’Imana ; muri ico gitabo ni ho harimwo « abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.»(Malakiya 3 :16) Amajambo yabo yo kwizera, ibikorwa vyabo vy’urukundo, vyaranditswe mw’ijuru. Ivyo ni vyo Nehemiya yariko atumberezako aho yavuga ati: « Mana yanje ibi uz’ubinzirikaneko, ntuz’uhanagure ibikorwa vy’urukundo nakoreye ingoro yawe.»(Nehemiya 13 :14) Mu gitabo c’urwibutso c’Imana, igikorwa cose c’ubugorototsi nticibagiranwa. Aho ni ho hashingurwa mu bwizigirwa ikigeragezo cose umuntu yatsinze, icaha cose umuntu yihanye, ijambo ryose ry’ubugwaneza ryashikirijwe. Kandi igikorwa cose c’ukwitanga, akababaro kose n'agahinda umuntu acamwo kubwa Kristo karandikwa. Umunyezaburi aravuga ati : «Uharura iminiho yanje, ; ushire amosozi yanje mw’icupa ryawe; Mbega ntiyanditswe mu gitabo cawe ?(Zaburi 56 :8)IB 341.5

    Ivyaha vy’abantu na vyo nyene birandikwa. « Kukw’Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza bo n’ikintu cose gihishijwe ari kibi ari ciza. »(Umusiguzi 12 :14) « Kandi ndababwira yukw’ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka. » Umukiza aravuga ati : « Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda cank’amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa »(Matayo 12 :36,37) Intumbero zinyegejwe n’impamvu z’abantu zitashizwe ahagaragara zishinguwe mu rwibutso rutihenda, kuko «Umwami wacu azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kandi azogaraza inama zo mu mitima.»(I Ab’i Korinto 4 :5) « Eh’ivyo biranditswe imbere yanje...Ibigabitanyo vyanyu ubwanyu, n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza banyu, ni k’Uhoraho agize.» (Yesaya 65 :6,7)IB 342.1

    Igikorwa cose c’umuntu kirarengana imbere y’Imana kandi kikandikwa nk’icinyankamugayo canke nk’uko atari ic’inyankamugayo. Imbere y’izina ry’umuntu wese mu bitabo vyo mw’ijuru handitswe ku buryo butihenda ijambo ryose ribi, igikorwa cose c’inarije, ibanga ryose umuntu ataranguye, icaha cose cakorewe mw’ibanga hamwe n’ukwiyoberanya kwose. Imburi zavuye mw’ijuru hamwe n’inkebuzo zafashwe minenerwe, imyanya yapfishijwe ubusa, uturyo tutakoreshejwe, ubwaku bwahimirije iciza canke ikibi, hamwe n’ingaruka zabwo zishika kure, vyose birandikwa n’umumarayika abijejwe.IB 342.2

    Amabwirizwa y’lmana ni rwo rupimo ruzokwisungwa mu kuraba kamere n’ubuzima bw’abantu mu gihe c’urubanza. Umunyabwenge aravuga ati : « Wubah’Imana witonder’ivyagezwe nayo kukw’ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese. Kukw’Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza. »(Umusiguzi 12:13, 14) Intumwa Yakobo arahanura Bene data muri aya majambo : « Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo.” (Yakobo 2:12)IB 342.3

    Mu gihe c’urubanza, « abazosangwa babereye » bazozuka mu murwi w’aberanda. Yesu yavuze ati : « Arik’abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye.. .baringaniye n’abamarayika. Kandi ni abana b’Imana kukw’ari abana b’ukuzuka. » (Luka 20 : 35, 36) Kandi arongera akavuga ko : « abakoze ivyiza bazozukira ubugingo » (Yohana 5 : 29) Aberanda bapfuye ntibazozurwa urubanza rutarahera kugira ngo berekanwe ko babereye « kuzukira ubuzima. ». Rero ntibazoba birengukiye bo ubwabo muri Sentare igihe hazoba hariko harirwa ivyo bakoze kugira ngo bifatirwe ingingo.IB 342.4

    Yesu azoba yahaserutse nk’uwubaburanira, kugira ngo yinginge Imana ku bwabo : « Kandi nihagira umuntu akora icaha dufise umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi.” (Yohana 2 :11) « Kuko Kristo atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ukuri, ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho, kugira ngo non’aduserukire imbere y’inyonga z’Imana. » « Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw’abasabire. » (Abaheburayo 9 :24 ; 7 :25)IB 342.5

    Mu kiringo ibitabo vyandikwamwo mw’ijuru biba vyuguruwe mu gihe c’urubanza, ubuzima bw’abantu bose bizeye Kristo burarengana imbere yimana. Utanguriye kubabayeho ubwa mbere kw’isi, utuburanira aravugira urunganwe rwose uko rwagiye rukurikirana, maze aherahereze ku bakiri bazima. Izina ryose riravugwa, ikintu cose kirihwezwa mu bwitonzi. Amazina amwe aremerwa, ayandi nayo arasubizwa inyuma. Mu gihe habonetse abantu bafise ivyaha bicanditse mu bitabo batigeze bihana ngo babarirwe, amazina yabo aca ahanagurwa mu gitabo c’ubugingo, kandi ibikorwa vyabo vyiza birahanagurwa mu gitabo c’urwibutso cimana. Umwami yabwiye Mose ati : «Uncumuyeko niwe nzosibanganya mu gitabo canje.» (Kuvayo 32 :33) Kandi uwavugishwa nimana Ezekiyeli aravuga ati : «Arik’umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bwiwe, agakora ivy’ukugabitanya ... Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze nta nakimwe kizokwibukwa. »(Ezekiyeli 18 :24)IB 343.1

    Abo bose bihanye vy’ukuri ivyaha, kandi kubwo ukwizera amaraso ya Kristo yababereye ikimazi c’impongano, baragiriwe ikigongwe kandi biranditse imbere y’amazina yabo mu bitabo, mw’ijuru. Kubwo guhinduka abasangira ubweranda na Kristo, kandi kubera yuko kamere yabo iroranye n’ibisabwa n’amabwirizwa yimana, ivyaha vyaho bizohanagurwa kandi bazosanga baharuwe nk’ababereye ubuzima buhoraho. Abicishije kuri Yesaya, Umwami aravuga : «Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe ku bwanje nyene, kand’ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi. »(Yesaya 43 :26). Yesu yaravuze ati : «Unesha azokwambikwa atyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data n’imbere y’abamarayika biwe.” (Ivyahishurie Yohana 3 : 5) « Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw’ijuru. Arik’umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw’ijuru.» (Matayo 10 :32, 33)IB 343.2

    Ingene usanga abantu bafise igishika gikomeye co kumenya ingingo zafashwe na sentare zo mw’isi bitanga iciyumviro gito c’ukuntu muri sentare yo mw’ijuru habaho igishika co kumenya ingingo yafashwe iyo hariko harasomwa amazina yanditse mu gitabo c’ubugingo imbere y’umucamanza w’isi. Umuvugizi wacu mw’ijuru arasaba yuko abo bose banesheje kubwo ukwizera amaraso ya Kristo baharirwa ibigabitanyo vyabo, banagurirwa Edeni yabo ya kera, kandi bambikwa urugori rw’abasangiye nawe « inganji ya mbere.» Satani mu kugerageza kubesha no guhenda ikiremwa muntu yiyumviriye guhindura umugambi Imana yaremeye umuntu; ariko noneho ubu, Kristo asaba yuko uwo mugambi ushirwa mu ngiro nk’uko umuntu atoba yarigeze kugwa. Ntasabira abantu biwe imbabazi gusa no gutsindanishirizwa vyuzuye kandi biringaniye, hamwe n’ivyo arajwe ishinga n’uko bosangira nawe icubahiro no kwicara ku ntebe y’inganji.IB 343.3

    Mu gihe Yesu ariko arasabira abantu biwe ko bogirirwa ubuntu, Satani we abarega imbere yimana nk’abahonyanze amabwirizwa. Uwo muhendanyi karuhariwe yarondeye kubatera gukekeranya, guta icizere mu Mana, bakitandukanya n’urukundo rwayo kandi bakica amabwirizwa yayo. Ubu rero atunga urutoke ku vyo bakoze mu kubaho kwabo, ku kuntu kamere zabo zifise agahonzi, bataye akaranga ka Kristo, ivyo bikaba vyaramaramaje Umucunguzi wabo, ku vyaha vyose yigeze kubahendahenda ngo bakore; kandi kubera ivyo vyose, arondera kubiyitirira nk’abantu biwe.IB 343.4

    Yesu ntahakana ivyaha vyabo, ariko yerekana ukwicuza kwabo hamwe no kwizera, maze akabasabira ikigongwe; yerekana imbere y’Imana hamwe n’abamarayika bera, ibiganza vyiwe vyatabaguwe avuga ati : « ndabazi. » Narayanditse ku biganza vy’amaboko yanje. « Ibimazi Imana ishikanirwa ni umutima umenetse ; umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukengera.»(Zaburi 51 :17) Kandi uku ni ko abwira umurezi w’ubwoko bwiwe : «ewe Satani, Uhoraho aguhane ; Uhoraho yirobanuriye Yerusalemu aguhane : mbeg’uyo si igishirira cokowe mu muriro? »(Zakariya 3 :2) Kristo azokwambika impuzu y’ubugororotsi bwiwe abamwizeye, kugira ngo ashobore kubarengukana imbere ya Se « Ari ishengero rifise ubwiza ridafise amarabaga cank’injebejebe, cank’ikintu cose gisa gityo. » (Abanyefeso 5 :27) Amazina yabo aguma yanditse mu gitabo c’ubugingo kandi aya majambo yanditswe araberekeye : «Bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko babibereye. »(Ivyahishuriwe Yohana 3 :4)IB 344.1

    Uko ni ko igikorwa giheruka c’isezerano rishasha kizoshirwa mu ngiro. «Nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’icaha cabo sinzocibuka ukundi.” «Mur’iyo misi no mur’ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze ibigabitanyo vy’ab’isirayeli bizoronderwa, bibure ; n’ivyaha vy’abayuda navyo ntibizoboneka.» (Yeremiya 31 :34 ; 50 :20) « Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro ; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba bararokotse bo mu bisirayeli, bavyirate. Maz’uzoba asigaye i Siyoni, n’uzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera. »(Yesaya 4 :2,3)IB 344.2

    Igikorwa co gutohoza urubanza hamwe no guhanagura ivyaha kizorangurwa imbere yo kugaruka kwa Yesu. Kubera yuko abapfuye bazocirirwa urubanza hisunzwe ibizoba vyanditswe mu bitabo, ntibishoboka rero ko ivyaha bakoze vyohanagurwa urubanza ruzotohoza ivyabo rutarahera. Ariko intumwa Petero arerekana ku buryo butandukanye yuko ivyaha vyakozwe n’abizeye bizohanagurwa «ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza bivuye mu nyonga z’Umwami Imana, kugira ngo nayo izitume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu. » (Ivyakozwe n’lntumwa 3 :19,20) Igihe itohoza ry’urubanza rizoba rimaze kurangira, Kristo azoheza agaruke, kandi azoba azananye n’ingero yo guha umuntu wese nk’uko ibikorwa vyiwe bizoba vyaragenze.IB 344.3

    Mw’ihema ry’i ngereranyo ryo kw’isi, umuherezi mukuru amaze gutangira isirayeli impongano, yaca agaruka maze agahezagira ikoraniro. Rero na Kristo amaze kurangiza igikorwa ciwe co kutuvugira, azoseruka « atazanywe n’ivyaha abonekere gukiza abamwiteze ”, guhezagiza abantu biwe ubugingo buhoraho. Nk’uko umuherezi mu gukura ivyaha mw’ihema yavyaturira ku mutwe w’impene yo gusendwa, na Kristo azoremeka ivyaha vyose Satani we nkomoko y’icaha kandi agikwiragiza. Impene yo gusendwa, yiremetse ivyaha vya isirayeli yaca yangarizwa kure « mu bugararwa ». Na Satani, yiremetse umutwaro w’ivyaha vyose yatumye abantu b’Imana bakora, azokwangarizwa kw’isi ata muntu azoba ayibayeko mu gihe c’imyaka igihumbi, kandi mu mpera ya vyose azoremekwa igihano c’ivyaha mu muriro uzoturira ababi bose. Uko niko umugambi uhambaye wo gucungura umuntu uzoherahereshwa no kurandura burundu icaha hamwe no guhuza abo bose bagize ishaka ryo kuvavanura n’ikibi.IB 344.4

    Igihe categekanirijwe urubanza - mw’iherezo ry’imisi 2300 mu mwaka wa 1844 -ni ho igikorwa c’itohozwa no guhanagura ivyaha catangura. Abo bose bigeze kwitirirwa izina rya Kristo ivyabo bizokwihwezwa ido n'ido. Abazoba bakiriho n’abapfuye bompi bazocirirwa urubanza « hisunzwe ivyo bakoze nk’uko bizoba vyanditswe mu bitabo ».IB 344.5

    Ivyaha abantu batigeze bihana kandi ngo babihebe, ntibazobibabarirwa kandi ntibizohanagurwa mu bitabo, ahubwo bizoguma vyanditse ngo bibagirize ku musi w’Imana. Umuntu aba yaracumuye habona ku murango canke mu mwiza wo mw'ijoro, vyose ntibinyegejwe imbere y'lmana. Abamarayika b’Imana barakurikirana icaha cose kandi bakacandika mu bitabo vyo mw’ijuru ngo ntivyibagirane. Urashobora gupfuka icaha ukagihakana, canke ukakinyegeza so, nyoko, umugore, abana canke abagenzi ; uwakoze nabi arashobora kuba ari we wenyene amenya ibanga ry’icaha yakoze ; ariko imbere y’ubwenge bw’ijuru, kiba kigaragara. Umwijima w’ijoro rirusha ayandi umwiza ; ibanga ry’abahinga mu kubesha ; ntibihagije ngo bibe vyotuma habaho iciyumviro na kimwe kitamenywa n'ubwenge bw’Uwamaho. Imana irazi ido n’ido ry’ikintu cose cakozwe mu karenganyo canke nabi. Imana ntihendwa n'ubweranda bw'umurenzako. Ntishobora kwihenda kuri kamere y'umuntu. Abantu bashobora guhendwa n'abafise imitima ihumanye, ariko Imana yo irasesangura ibinyegejwe vyose kandi igasoma i bwina mu mitima.IB 345.1

    Mbega ukuntu iki ciyumviro gihambaye ! Umusi wose wiremeka umutwaro w’ivyo abantu bakoze vyandikwa mu bitabo vyo mw'ijuru. Amajambo yigeze kuvugwa igihe kimwe, ikibi cigeze gukorwa ntibishoboka ko wobisokora. Abamarayika baranditse ivyiza n’ibibi. Umuhizi ahambaye hano kw’isi ntashobora guhanagura muri ivyo bitabo urupapuro na rum we rw’ivyo yakoze mu musi umwe gusa. Ivyo dukora, amajambo tuvuga, mbere n’impamvu zinyegeje zidutuma kugira ivyo dukora, vyose biragira uburemere butuma kazoza kacu gashobora kuba keza canke kabi. Nubwo twebwe dushobora kuvyibagira, ariko bizohagarara nk’ibitwagiriza canke nk’ibidusambira.IB 345.2

    Nk’uko umuhinga muvyo utugenegene ashobora kwerekana ishusho y’umuntu nk’uko iri ataco yihenzeko, ni nako kamere y’umuntu, mu bitabo vy’ijuru, igaragara. Ariko usanga hariho umwitwarariko mukeya kuri ivyo vyandiko bizosomwa n’amaso y’abazoba mw’ijuru. Hamwe igihuzu gitandukanya ibintu biboneka hamwe n’ibitaboneka kuri iyi si co kwigizwa hirya, maze abana b'abantu bakabona umumarayika yandika igikorwa cose kirangurwa n’ijambo ryose rivuzwe, ivyo azokwongera kwibutswa mu gihe c’urubanza honyene, mbega ukuntu amajambo menshi avugwa ku musi yorekwa kuvugwa, mbega ukuntu hariho ibintu vyinshi tutokora !IB 345.3

    Mu gihe c’urubanza hazokwihwezwa neza uko twakoresheje ingabire iyariyo yose twahawe. Umutahe ijuru ryatuguranye tuzoba twawukoresheje gute ? Mbega Umwami agarutse yoba azoronka inyungu z’umutahe yatuguranye ? Mbega umwanya wacu tuzoba twawukoresheje gute, ikaramu yacu, ijwi ryacu, amafaranga yacu, ubwaku bwacu ? Mbega Kristo tuzoba twamukoreye iki tumubonye nk’umukene, nk'umuntu ageramiwe n’ibibazo, nk'impfuvyi canke umupfakazi ? Imana yatujeje ijambo ryayo ryera ; mbega umuco n'ukuri twahawe ngo tubikoreshe mu guhindura abantu abanyabwenge tukabashikana ku gakiza tuzoba twabikoresheje gute ? Kwerekana gusa ko wizera Kristo nta gaciro bifise ; urukundo rwonyene rubonekera mu bikorwa ni rwo rufise akamaro. Kandi rero ruha agaciro ibikorwa vyacu. Ikintu cose gikozwe kivuye ku rukundo, naho mu maso y’abantu gishobora kuboneka ko ari gito, Imana iracemera kandi ikagiha ingero.IB 345.4

    Inarije inyegejwe y’abantu ishirwa ahagaragara mu bitabo vyo mw’ijuru. Amabanga twari kurangura ku neza y’abagenzi bacu tutaranguye, canke ku neza y’ivyo Umukiza adusaba, arandikwa. Aho ni ho bazobona ukuntu kenshi na kenshi Satani yari yarakomorewe umwanya, ivyiyumviro hamwe n’inkomezi vyari bitegekanirijwe Kristo. Ibintu abamarayika bashinguye mu bitabo vyo mw’ijuru biteye ubwoba. Abantu b’incabwenge, aberekana ko ari abayoboke ba Kristo, baratwawe no kuronka inyungu za hano kw’isi canke kwishimira ibinezero vyayo. Amafaranga, umwanya, n’inguvu birakoreshwa mu kwiyerekana canke mu kwishira imbere ; ariko umwanya abantu baharira ugusenga, ugasesangura mu Vyanditswe, ukwicisha bugufi hamwe no kwihana ivyaha usanga ari muto cane.IB 346.1

    Satani aduteza kwamana mu vyiyumviro vyacu ivyitwazo bidahera, kugira ngo ntivyitwararike igikorwa vyari bijejwe gusumvya. Uwo muhinga mu guhendana aronka ukuri guhambaye kwerekana ikimazi c’impongano hamwe n’ubushobozi bwose bw’umuvugizi wacu. Arazi ko ataco ashobora gushikako hamwe atoba yonkoye ivyiyumviro vyacu kuri Yesu no ku kuri kwiwe.IB 346.2

    Abo bose bipfuza gushikwako n’ubwaku bw’igikorwa c’ubuvugizi bw’Umukiza ntibakwiriye kugira ikintu na kimwe bemera ko cobabera intambamyi ngo kibabuze kwitwararika ivyo ukwiyeza kwabo mu gutinya Imana. Amasaha y’agaciro, aho kuyamara uri mu biguhimbara, mu kwiyerekana canke mu kurondera amafaranga, akwiriye guharirwa gushishikara gusenga mu kwiga ijambo ry’ukuri. Inyigisho ifitaniye isano n’ihema ryera hamwe n’itohozwa ry’urubanza irakwiriye gutahurwa neza n’ubwoko bwimana. Abantu bose barakeneye kumenya ikibanza n’igikorwa c’umuherezi wabo mukuru. Naho ubundi ntivyobashokera kugira ukwizera gukenewe muri kino gihe canke kuba mu kibanza Imana yabategekanirije. Umuntu wese arafise uwo azozana kuri Yesu canke uwo azozimiza. Umwe wese ivyiwe bitegerezwa kwigwa muri Sentare yimana. Umwe wese ategerezwa kuzohura n’umucamanza mukuru amurabe amaso mu yandi. Rero ni ikintu gihambaye ko umuntu wese yokwama yihweza ivyo biringo bidasanzwe aho intahe izosasa kandi ibitabo bikazingururwa, igihe nk’uko Daniyeli yavyeretswe, « umuntu wese azohagarara mu mugabane wiwe, kw’iherezo ry’iyo misi ».IB 346.3

    Abaronse umuco kuri izi ngingo bakwiriye gushingira intahe ukuri guhambaye Imana yabajeje. Ihema ryimana mw’ijuru ni co kibanza nshimikiro c’igikorwa ca Kristo ku neza y’abantu. Ico gikorwa cerekeye umuntu wese abaye kuri iyi si. Ico gikorwa gishira ahabona umugambi w’agakiza, kikatujana kw’iherezo ry’ibihe kandi kikatwereka intsinzi ihambaye ku kunyinyurana hagati y’ubugororotsi n’icaha. Rero ni ivy’igiciro ntangere ko abantu bakwiriye gukurikiranira hafi izi nyigisho kugira ngo bashobore kuba bokwishura uwo wese yobabaza impamvu y’ivyizigiro bafise.IB 346.4

    Ukuntu Kristo avugira abantu yinginga Data mw’ihema ryera ryo mw’ijuru, birafise uruhara rukomeye, mu mugambi w’agakiza, nk’urwo urupfu rwiwe ku musaraba rufise. Amaze kuzuka, Yesu yaciye aduzwa mw’ijuru guheraheza igikorwa yari yatanguye ku musaraba. Kubwo ukwizera dutegerezwa kwinjira tukarengana hirya y’igihuzu gikingiriye « Aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere »(Abaheburayo 6 :20) Aho ni ho umuco uvuye ku musaraba w’i Kaluvari ubonekera. Aho ni ho dushobora gutahurira ku buryo butomoye amabanga yo gucungurwa. Agakiza k’umuntu karashitsweko ariko ijuru ryagatanzeko ibitagenda ; ikimazi catanzwe kingana n’ubwaguke bw’ivyasabwa n’amabwirizwa yahonyanzwe. Yesu yaduciriye inzira idushikana ku ntebe y’inganji ya se, kandi kubwo igikorwa co kutuvugira, icipfuzo kivuye ku mutima w’uwo wese aje kuri we mu kwizera kirashobora gushikanwa ku Mana.IB 346.5

    « Upfukapfuka ibicumuro vyiwe ntazoronka umugisha, arik’uvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe. »(Imigani 28: 13) Iyo abo bose banyegeza canke borosha amakosa boshobora kubona ingene Satani abigambako, ukuntu atega imitego Kristo n'abamarayika bera mu gikorwa cabo, bohavuye bihutira kwatura ivyaha vyabo kandi bakabireka. Abicishije mu kuzana utunenge muri kamere y’umuntu, Satani arakora uko ashoboye kugira ngo agire ubwaku no ku bwenge bwiwe, kandi arazi ko hamwe utwo tunenge bodufata minenegwe, azoca aharonkera intsinzi. Rero yama arondera ingene yobesha abayoboke ba Kristo abashize imbere iciyumviro cica ko umuntu ata ntsinzi ashobora gushikako. Ariko Yesu arabingingira ku Mana mu kwerekana amaboko yiwe yatabaguwe, umubiri wiwe wacumiswe kandi arabwira abo bose bipfuza kumukurikira ati: « Ubuntu bwanje buraguhagije.” (2 Ab’i Korinto 12 :9) « Mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko ndi umugwaneza, niyoroheje mu mutima ; namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kukw’ingata yanje itababaza n’umutwaro wanje uhwahutse. » (Matayo 11 :29,30) Ntihagire umuntu n’umwe rero yibaza ko inenge za kamere yiwe zitotorerwa umuti. Imana izotanga ukwizera n’ubuntu bihagije vyo kuzitsinda.IB 347.1

    Rero iki gihe tubayemwo ni ico umusi mukuru w’impongano. Mw’ihema ry’ikigereranyo ryo kw’isi, igihe umuherezi mukuru yaba ariko aratangira Isirayeli impongano, abantu bose basabwa kwisuzuma mu mitima mu kwihana ivyaha vyabo hamwe no mu guca bugufi imbere y’Umwami, mu gihe baba batifuza gukumirwa mw’ikoraniro. Ni muri ubwo buryo abo bose amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo, bakwiriye ubu, muri iyi misi mikeya y’ukwemererwa bagisigaranye, gusuzuma imitima mu gutuntuzwa n’icaha no mu kwihana vy’ukuri. Hakwiriye kubaho ugusuzumana ubwizigirwa umutima kwimbitse. Ugufata ibintu minenegwe, agatima ko guterwa n’ibihimbaro vy’isi vy’aberekana ko ari abakristo bitegerezwa gushirwa i ruhande. Hariho urugamba rutoroshe kuri abo bose bipfuza gutsinda agatima kabakwegera mu kibi kama kabarwanije ngo kabagireko ububasha. Igikorwa c’ukwitegura cega umuntu wese ku giti ciwe. Ntidukirizwa mu murwi. Ubweranda no gukunda ivy’Imana kw’umuntu umwe ntivyosubirira mu kibanza utabifise. Naho amahanga yose azorenguka mu rubanza imbere y’Imana, ivyo ntibizobuza Imana gusuzuma ibijanye n’umuntu ku giti ciwe, ku buryo bwo hafi kandi ido n’ido nk’uko ari we muntu wenyene yoba ariho kw’isi. Umuntu wese ategerezwa gusuzumwa kandi ntabonekeko injebejebe canke amarabaga canke ikindi kintu cose gisa n’ivyo.IB 347.2

    Ibi biringo bifitaniye isano n’iherahezwa ry’igihe c’impongano birahambaye. Iki gikorwa ni ico agaciro gahambaye. Mw’ihema ryera ryo mw’ijuru muri kino gihe intahe irashashe. Iki gikorwa kimaze imyaka myinshi kiriko kirarangurwa. Vuba cane nta muntu n’umwe azi ukuntu hatwegereje - hazokwihwezwa ivyo abakiriho. Bidatevye ubuzima bwacu buzorengana imbere y’inyonga ziteye ubwoba z’Imana. Turakwiriye rero, muri kino gihe gusumvya ibindi, kuzirikana impanuro Umukiza yatanze : « Mwiyubare, mube maso musenge, kuko mutazi igihe bizoshikira.» (Mariko 13 :33) «Ni utaba maso, nzoza nk’igisuma nawe ntuzomenya igihe nzokwubira.” (Ivyahishuriwe Yohana 3 :3 ».IB 347.3

    Igihe igikorwa c’ugutohoza imanza kizoba kimaze kurangira, ingingo yerekeranye na kazoza ku bantu bose izoba yaramaze gufatwa - hazoba harindiriwe urupfu canke ubuzima. Igihe c'imbabazi kimaze kurangira hazorengana igihe kigufi imbere y’uko Umwami aseruka ku bicu vyo mw’ijuru. Mu Vyahishuriwe yohana. Kristo ariko atumbereza amaso yiwe kuri ico gihe aravuga ati : « Ugabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure ; ugororotse n'ashishikare agororoke; uwera n'ashishikare yezwe. Ehe ndaza vuba nzanye ingero kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.” (Ivyahishuwe Yohana 22: 11, 12)IB 348.1

    Abagororotsi hamwe n’ababi bazobandanya baba kw’isi bafise uyu mubiri upfa - abantu bazoba bubaka kandi barima, banywa kandi barya, ata n’umwe abica n'ikanda ko ingingo ya nyuma kandi idasubirwako yamaze gushikirizwa mw’ihema ryera mw’ijuru. Imbere y'umwuzure, inyuma yuko Nowa yinjira mu bwato, Imana yaramuretse arabwinjiramwo ariko ababi bose babusigara inyuma; ariko mu gihe c’imisi ndwi, abantu batazi ko umuhero wabo wamaze kwemezwa, babandanije atawubaciriyemwo gukurikira ibihimbaro vy’ubuzima no gukengera imburi zari zatanzwe z’urubanza rwari rubageramiye. Umukiza aravuga ati : «Ni k’ukuza kw'umwana w'umuntu kuzomera. »(Matayo 24 :39) Mu gacerere, mu gihe umuntu atabiziga nka kurya igisuma gitera mu gicugu, hazoshika isaha ntabanduka izotuma kazoza k'umuntu wese gatumbera inzira katazoba kakivamwo, azoba ari isaha aho abantu bose bakora ibibi, bitazoba bigishoboka ko bagirirwa imbabazi.IB 348.2

    « Nuko mwame mugavye...kugira ngo ni yaza giturumbuka ntasange musinziriye. »(Mariko 13: 35,36) Abo bishika bagacika intege, ntibabe maso, maze bagasubira mu bibakwega vy’isi, baragowe. Igihe umugwizatunga aba yatwawe n’ibikorwa ariko ararondera inyungu, mu gihe umuntu akunda ibimunezera aba yatwawe navyo, mu gihe umwigeme yatwawe n'umuderi aba ariko ariyumvira ingene akwiriye kwitunganya - birashoboka ko muri iyo saha nyene ariho umucamanza w’isi yose azoshikiriza iyi ngingo ngo : « wagezwe ku munzane basanga ntushitse. »(Daniyeli 5 :27)IB 348.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents