Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 29 - Inkomokoyicaha

    Inkomoko y’icaha ku bantu benshi hamwe n’impamvu yuko kiriho bibatera kudidanirwa gukomeye. Barabona igikorwa c’ikibi n’ingaruka zaco ziteye ubwoba, z’umubabaro n'ukwihebura, maze bakibaza ukuntu ibi vyose bishobora kubaho munsi y’ubutware bwa wa Wundi adafise aho agarukiriza mu bwenge, mu bushobozi, no mu rukundo. Aho bahabona ibanga badafitiye insiguro. Kandi muri ukwo kutamenya no gukekeranya, bacika impumyi ku kuri kwashizwe ahagaragara mu buryo bwuzuye mw’ijambo ryimana kandi kukemerwa kugira ngo umuntu aronke agakiza. Hariho bamwe mu bushakashatsi bagira bwerekeranye n’uko icaha kiriho, biha kuraba no muvyo Imana itahishuye. Rero nta nyishu baronka ku ngorane zabo ; kandi kubera ko basanzwe bahengamiye ku gukekeranya no kunebagura, ibi bica bibabera urwitwazo rwo kutemera amajambo yo mu Vyanditswe vyeranda. Ariko rero abandi nabo, baragwa kubera ukwishimira ugutahura ingorane ikomeye y’icaha kubayoboye, kubera ko imigenzo n'ubusobanuro atari bwo vyatumye inyigisho za Bibiliya zerekeranye na kamere yimana, akarangamutima k’ubutware bwayo, n’ingingo yisunga mu gutora umuti w’ingorane y’icaha, zirengarengwako.IB 348.4

    Ntibishoboka gusigura inkomoko y’icaha nk'uko woba ugomba gutanga impamvu yo kubona kiriho. Ariko abantu bashobora kumenya ku vyerekeranye n'ukuntu cabonetse, hamwe n’ingaruka zaco ntabanduka bituma haboneka ku buryo bwuzuye ubutungane no kugira neza kwimana iriko irazitorera umuti. Nta ngingo yigishwa mu Vyanditswe ku buryo bwuzuye isumba iyo uko Imana atari yo nkomoko y’ukwinjira kw’icaha mw’isi; ko ata muntu yabujijwe ata mpamvu kuronswa ubuntu bwimana, ko ata gakosa kabotse mu ntwaro y’ijuru, koba katumye habaho akabero ko kugumuka. Icaha ni nyawivanga mu bintu, nta nsiguro n’imwe woshobora guha ukubaho kwaco. Kirasiga ubwenge kandi ntigisigurika. Kugerageza kugisigura ni nko kugishigikira. Hamwe hoboneka insiguro yaco, nticoba kikibaye icaha. Insiguro yonyene dufise y’icaha ni iyo dusanga mw’ijambo ryimana ; icaha ni « ukwica ibwirizwa ryimana » ; ni ishirwa ahagaragara ry’ingingo ivuguruza ibwirizwa rihambaye ry’urukundo ryo shingiro ry’inganji yimana.IB 349.1

    Imbere y’uko icaha kibaho, isi yose yarangwa n’amahoro hamwe n’umunezero. Ibintu vyose vyari agahore kuko vyisunga ubugombe bwimana. Urukundo vyakunda Imana rwari ku rugero rwo hejuru, urukundo vyakundana hagati yavyo ntirwagira nkunzi ngo ruhengame - Kristo Jambo, umwana wenyene w’ikinege, yari kumwe nimana Data yamaho ibihe vyose - bari umwe mu karangamutima, umwe muri kamere, umwe mu ntumbero - niwe kinyabuzima conyene muri iyi si cashobora gusangira nimana impanuro n’intumbero vyayo . Imana yaremye ibinyabuzima vyose vyo mw’ijuru ibicishije kuri Kristo. « Kuko muri we ariho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo mw’isi...uri intebe c’icubahiro, uri ubwami, uri ubukuru, uri ububasha» Ab’i Kolosayi 1:16; kandi kubwo kuringanira na se, ijuru ryose rirunamira Kristo.IB 349.2

    Kubera ko itegeko ry’urukundo ari ryo shingiro ry’intwaro yimana, umunezero w'ivyaremwe vyose ushingiye ku kuntu uhura n’iyi ngingo ihambaye y’ukugororoka. Igikorwa Imana yipfuza ku vyaremwe vyose ni urukundo ugushima gukomoka ku bwenge bushima kamere yayo.Imana ntinezerezwa n’abayubaha kubwo akagobero, kandi iha abantu bose umwidegemvyo w’uguhitamwo, kugira ngo igikorwa bayikorera kibe kivuye ku gushaka kwabo. Ariko hariho uwashatse kugwiza n’ubusa uwo mwidegemvyo. Icaha catanguranye n’uyo yari yegereye Kristo, yari yarashimwe kenshi nimana kandi yari ashizwe hejuru mu bushobozi no mu cubahiro mu bari baba mw’ijuru. Imbere yo kugwa kwiwe, Rusiferi - umutwara muco- yari umukerubi akingira « atunganye kandi atagira akanenge. « Uku nik’Umwami Uhoraho agize, ati ni wewe wan akaminuza ka vyose, wuzuye ubwenge, ukuba mwiza vy’agahore. Wari muri Edeni mw’itongo ry’Imana ; wisakayeko utubuyenge twose tw’igiciro kinini,...War’umukerubi asizwe amavuta, ashanje amababa, kandi nagushizeho uba ku musozi wera w’Imana; wacuragiza hagati y’amabuye yaka umuriro. Wari agahore mu ngeso zawe zose uhereye umusi waremeweko ; gushitsa igihe ibigabitanyo vyakubonetseko». (Ezekiyeli 28 :12-15 )IB 349.3

    Lusiferi yari kuguma atonye ku Mana, akundwa kandi yubahwa n’ingabo z’abamarayika, akoresha ubushobozi afise mu guhezagira abandi no mu guhayagiza umuremyi wiwe. Ariko uku niko uwavugishwa n’lmana avuga : « Ubwiza bwawe nibwo bwateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro cawe ni co cononye ubwenge bwawe »Ezekiyeli 28 :17 ». Buhoro buhoro Lusiferi yahavuye atwarwa n’agatima ko kwishira hejuru. « Nuko rero uku nik’Umwami Uhoraho agize, ati ko wagereranije umutima wawe n’umutima w’Imana (Ezekiyeli 28 :6) ; « Wari waribariye mu mutima, uti nzoduga nje mw’ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’I mana; uti nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’impera y’i buraruko ; uti nzoduga ndenge ah’ibicu bigarukira; nzoba nk’Isumba vyose ». Yesaya 14 :13, 14 Aho kurondera gushira Imana hejuru mu kuntu ivyo yaremye biyubaha kandi biyikunda, Lusiferi niwe yarondeye guhabwa icubahiro no gukorerwa n’ivyo Imana yaremye. Kandi mu kwipfuza icubahiro umwana yari yagabiwe na se yamaho, uyu kizigenza mu bamarayika yagiriye ishari ubushobozi Kristo wenyene yarafitiye uburenganzira kugira.IB 350.1

    Ijuru ryose ryari ryanezerejwe no kwerekana icubahiro c’umuremyi hamwe no kwamamaza amashimwe kuri we. Mu gihe Imana yahabwa icubahiro kiyikwiye, ibintu vyose vyari mu mahoro no mu munezero. Ariko rero, akantu ko kutumvikana kazanye agasembwa mu bwumvikane bwaboneka mw’ijuru. Igikorwa co kwiyerekana no kwishira hejuru, gihushanije n’umugambi w’umuremyi, cakabuye ivyiyumviro vy’umwiza ku vyaremwe vyari bisanzwe biha Imana icubahiro co hejuru. Inama z’amajuru zarahabwa Lusiferi n’ukwinginga gukomeye. Umwana w’Imana yamweretse ubukuru, ubwiza, hamwe n’ubutungane bw’umuremyi, hamwe n’akarangamutima k'amabwirizwa yiwe atunganye kandi adahinduka. Imana ubwayo niyo yashizeho integuro y’ukuntu ibintu vyokurikizwa mw’ijuru ; kandi mu kurondera kugendera kure y’iyo nteguro, Lusiferi yari kuba agayishiije uwamuremye kandi akaba yikwegeye uguhona. Ariko rero iyo nkebuzo, yatanganywe urukundo ntangere n’impuhwe nyinshi yashoboye vyonyene kuvyura agatima ko kutagamburuka. Lusiferi yararetse aratwarwa n’ishari agiriye Kristo, riramuganza, kandi arushirizaho kwumva ko iyo ari yo nzira yonyene akwiye gukurikira.IB 350.2

    Ukwibona mu cubahiro yari afise kwamuteye kwipfuza kwishira hejuru. Ivyubahiro yari yarahawe ntiyabihaye agaciro nk’aho yoba ari ingabire y’Imana kandi ntiyiyumvisemwo ko ahamagarirwa gushima Imana kubw’ivyo. Yishimiye akaranga kiwe hamwe no kwishira hejuru, hanyuma arondera kuringanira n’Imana. Yari asanzwe akundwa kandi yubahwa n’ingabo zo mw’ijuru. Abamarayika banezerezwa no gukora ivyo abasavye, kandi yari yisakaye kubarusha bose ubwiza n’icubahiro. Ariko rero, naho vyari bimeze uko, umwana w’Imana niwe mutware wenyene w’ijuru yari azwi, asangiye ububahsa n’ubutegetsi na se. Mu nama zose z’Imana, Kristo yarazitumirwamwo mu gihe Lusiferi we, atari are kuri we gushobora kwinjira mu mabanga y’Imana. « Ni ukubera iki », uko niko uwo mumarayika w’ubushobozi yavuze ati « Kristo niwe ashizwe imbere y’abandi»? Ni kubera iki ahawe icubahiro gusumvya jewe Lusiferi ?IB 350.3

    Yavuye mu kibanza co hafi yarimwo imbere y’Imana, agenda gukwiragiza agatima k’ishavu mu bamarayika. Yakorera mw’ibanga ridasanzwe risiga ubwenge, kandi mu gihe kimwe akanyegeza intumbero yiwe y’ukuri munsi y’inyifato igaragara y’ukwubaha Imana, yakora uko ashoboye kugira ngo biboneke ko ivyaremwe biba mw’ijuru bitishimiye amategeko abiganza, avuga yemanga ko abarengera akarimbi kandi bidakenewe. Kubera ko abamarayika bari bafise akarangamutima keranda, yabasavye ko ata yandi mabwirizwa bakwiriye kwubahiriza uretse ubugombe bwabo. Yarondeye kubikundwakazako abereka yuko Imana yamurenganije mu kuba yahaye Kristo icubahiro co hejuru ya vyose. Yagerageje kwigovyora avuga ko mu kuba yararondeye kugira ubushobozi buhambaye hamwe n’icubahiro, ntiyari atumbereye kwishira hejuru, ahubwo yarondera ko ababa mw’ijuru bose bagira umwidegemvyo, kugira ngo muri ubwo buryo babe boshika ku ntambwe yo hejuru mu kubaho.IB 351.1

    Imana mu mbabazi zayo zihambaye yarihanganiye cane Lusiferi. Ntiyaciye imukura bukwi na bukwi mu kibanza co hejuru yari arimwo kuva igihe atanguriye kwerekana agatima k’ishavu, eka mbere n’igihe yatangura gushikiriza imbere y’abamarayika bagamburuka ivyiyumviro vyiwe bipfuye. Yararekewe mw’ijuru igihe kirekire. Yarahawe akatari gake akaryo ko kubabarirwa hamwe yoba yihanye kandi agaca bugufi. Utwigoro nk’utwo ata wundi yari gushobora kutugira uretse Nyene urukundo n’ubwenge ntangere ; twagirwa kugira ngo Lusiferi ashobore kwerekwa ikosa ryiwe. Agatima k’ishavu ntaho kari bwigere kaboneka mw’ijuru. Lusiferi ubwiwe ntiyashotse abona ikosa yakoze ; ntiyatahuye neza akarangamutima k’ukuri kw’ivyiyumviro yari afise. Ariko bamaze kumwereka ko ata mpamvu n’imwe yamuteye kubura umunezero, Lusiferi yabonye neza ko ari mw’ikosa, ko ivyo Imana isaba bibereye kandi ko ategerezwa kuvyemera nk’uko biri imbere y’ijuru ryose. Iyo ibi aza kubikora, yari kwikiza ubwiwe kanakiza abamarayika benshi. Muri kino kiringo ntiyari bwerekane icese ko yahisemwo guhangana n’lmana. Naho yari amaze gutakaza ikibanza ciwe, nk’umukerubi akingira, iyo agira ishaka ryo kugaruka ku Mana, akemera ubwenge bw’umuremyi, kandi akanezezwa no kuba mu kibanza Imana yamutegekanirije mu mugambi wayo uhambaye yari kuba yarashubijwe mu mabanga yiwe. Ariko ubwibone bwamubujije guca bugufi. Yakomeje kwishigikira mu vyo ariko arakora, akomeza kwemeza yuko atari nkenerwa ko yihana, maze agira uruhara rukomeye mu n tarn bar a ihambaye, arwanya uwamuremye.IB 351.2

    Ubushobozi bwose bw’ubwenge budasanzwe yari afise yaciye abushira ku gikorwa co kubesha, co kugeregeza kwikwegerako abamarayika bari musi y’itegeko ryiwe. Kubona Yesu yari yamugabishije kandi akamuhanura yaravyitwaje mu gushira mu ngiro ivyiyumviro vyiwe vy’ubuhemu. Ku bari bamwegereye rwose kubwo guhuzwa n’ubugenzi, Satani yaberetse ko yari yararenganijwe, ko ikibanza ciwe kitari cubahirijwe, kandi ko umwidegemvyo wiwe wari ubangamiwe. Yavuye ku gusigura ukutari ko amajambo ya Kristo atandukira ku gukwiza igihuha n’ukubesha amenya yagiriza umwana w’Imana ko yamumaramaje imbere y’ababa mw’ijuru. Yarondeye kandi kuvyura ikibazo kitagira ishingiro hagati yiwe n’abamarayika batamukurikiye. Abo bose atashobora guhuma amaso ngo abakwegere bose ku ruhande rwiwe, yabagirije ko ibintu vy’ijuru bavyitwararika gake gashoboka. Igikorwa we ubwiwe yariko ararangura yacagirije abamarayika bari basigaye ari abizigirwa b’ukuri ku Mana. Kandi kugira ashigikire ico kirego yuko Imana yamurenganije, yafashe inzira yo gusigura ukutari ko amajambo n'ibikorwa vy'Umuremyi. Ingingo yari yishimikije kwari ugutuma abamarayika badidanirwa akoresheje imvugo y’uburyarya yerekeranye n’ intumbero y’Imana. Ikintu cose gisanzwe yagihinduye igisiga ubwenge, ikintu c’ibanga; kandi kubwo kwambika impuzu ikinyoma, yatumye habaho gukekeranya amajambo atomoye ya Yehova. Kubwo ikibanza yari asanzwe afise co hejuru mu kuba yegereye uburongozi bwimana, vyatumye ivyo yariko ashikiriza bigira inguvu, kandi benshi bahavuye bagwa mu mutego wo kwifatanya na we mu kurwanya ubutegetsi bw’ijuru.IB 351.3

    Imana mu bukerebutsi bwayo yararetse Satani abandanya igikorwa ciwe gushika aho agatima ko gushishwa yagahinduyemwo ukugumuka. Cari ikintu kibereye yuko imigambi yiwe yotunganywa ku buryo bunengesereye kugira ngo akarangamutima k’ukuri kayo hamwe n’ico yari igendereye bishobore kubonwa n'abantu bose. Nk’umukerubi yasizwe, Lusiferi yari yarashizwe cane hejuru : yarakundwa cane n'ababa mw’ijuru kandi yari abafiseko ubwaku bukomeye. Intwaro y'Imana ntiyagarukira gusa kubaba mw’ijuru, ariko yashika aho hose ku masi yaremye ; kandi Satani we yiyumvira ati icomuha abamarayika bose bo mw’ijuru bakamukurikira mu bugumutsi bwiwe, ko n'ayandi masi yohava ayigarurira. Iki kibazo yari yagishikirije n'ubuhinga bwinshi, akoresheje imvugo zifobetse hamwe n’ikinyoma kugira ngo abamukurikiye ntibabice n’ikanda. Yari umuhinga karuhariwe mu kubesha kandi kubwo ukwiyoberanya we ubwiwe mu mwambaro w’ikinyoma, yari yabironsemwo akarusho. Mbere n’abamarayika bagamburuka ntibashobora gutahura neza ku buryo bwuzuye kamere yiwe canke ngo babone iyo igikorwa ciwe cariko cirerekeza.IB 352.1

    Satani yari yarahawe icubahiro co hejuru kandi ivyo yakora vyose yabikorana ubuhinga bunyegeje ku buryo cari ikintu kigoye kugaragariza abamarayika akarangamutima k’ukuri k’igikorwa ciwe. Icaha kitarakura ngo gishike ku rugero rwuzuye ntigishobora kuboneka nk'uko ari ikibi. Gutyo nticari bwaronke ikibanza ku masi Imana yaremye, kandi ivyaremwe vyera ntivyashobora kugira iciyumviro c’akarangamutima n’ububegito vyaco. Ntibashobora kubona ingaruka ziteye ubwoba ziturutse kugushira ku ruhande amabwirizwa yimana. Ubwa mbere, Satani yari yatwikirije igikorwa ciwe imforo y’ubugamburutsi imbere yimana. Yerekana yuko arondera gushira imbere icubahiro cimana, gushigikira ubutware bw’ijuru no kurondera ineza y’abaribamwo bose. Mu gihe yariko aratuma ubwenge bw’abamarayika bamukurikiye butwagwa n’agashavu, yari yabikoranye ubuhinga ku buryo vyaboneka ko ahubwo agomba kuzimanganya ako gatima k’ukudashima. Aho yahimiriza ko hobaho ihinduka mu nteguro no mu mabwirizwa y’intwaro yimana, yari yishimikije icitwazo c’uko ivyo bibereye kugira ngo mw’ijuru hashobore kwamayo uburinganire n'agahore.IB 352.2

    Mu kurwanya icaha, Imana yakoresheje ubutungane n'ukuri vyonyene. Satani yashoboye gukoresha ivyo Imana itari kwubahuka gukoresha - uburyarya n’ikinyoma. Yari yararondeye guhindura ijambo ryimana kandi yari yerekanye ukutari ko imigambi yimana imbere y’abamarayika ; abumvisha yuko Imana mu guha ababa mw’ijuru amategeko n’ivyagezwe vyo kwisunga yariko irakora nabi ; ko mu gusaba ivyo yaremye ko biyubaha kandi bikayigamburukira, ko bwari uburyo yariko irakoresha kugira ngo yishire hejuru. Rero imbere y’ababa mw’ijuru n’imbere y’amasi yose, birakwiriye ko herekanwa yuko intwaro y’Imana ari iyo ukuri kandi ko n’amabwirizwa yayo atunganye. Satani yari yatumye ibintu biboneka nk’uko ariko aronderera ineza amasi yose. Kamere y’ukuri y’uyo Munyazi hamwe n’intumbero yiwe nyezina bitegerezwa gutahurwa n’abantu bose. Ategerezwa kuronka umwanya wo kumenyekana kubwo ibikowa vyiwe bibi.IB 352.3

    Uruhagarara igikorwa ciwe bwite cateye mw’ijuru Satani yarwegetse ku mabwirizwa n’intwaro y’Imana. Ikibi cose yacometse k’ubutegetsi bw’ijuru. Yerekanye ko yari afise intumbero yo gutosora amabwirizwa ya Yehova. Rero vyari bikenewe ko yerekana akarangamutima k’ivyo avuga kandi agashira ahabona ivyo arondera ko vyohinduka mu mabwirizwa y’Imana. Igikorwa ciwe ni co nyene gikwiriye kumucirako iteka. Kuva mu ntango Satani yerekanye ko atariko aragumuka. Isi yose aho igarukira itegerezwa kubona uwo mubeshi atakimutwikiriye.IB 353.1

    Mbere n’aho hari hafashwe ingingo y’uko adakwiriye kuguma mw’ijuru, Nyene ubukerebutsi ntangere ntiyashimye guca amutsiratsiza. Kubera yuko igikorwa c’urukundo ari co conyene Imana yemera, ubugamburutsi bw’ivyo yaremye nta kindi bukwiriye gushingirako uretse ugutahura ubutungane n’ukugira neza kwayo. Ababa mw’ijuru no ku yandi masi, kubera yuko batari biteguye gutahura akarangamuima k’icaha hamwe n’inkurikizi zaco, nta n’ubwo rero bari gushobora gutahura ubutungane n’ikigongwe vy’Imana iyo Satani azimanganywa. Iyo Satani ahonywa ikibiriraho, Imana bari kuyikorera kubera kuyitinya, badasunitswe n’urukundo. Ubwaku bw’uyo muhendanyi ntibwari gusamburwa rwose, nta n’ubwo agatima k’ubugumutsi kari kuranduranwa n’imizi. Ikibi gitegerezwa kurekwa kigakura. Ku neza y’ivyaremwe vyose, mu kiringo c’ibihe bidashira, Satani ategerezwa gutunganya ku buryo bwuzuye ingingo ziwe ngenderwako, kugira ngo ivyo yagiriza intwaro y’Imana bibonwe ku buryo bugaragara n’ivyaremwe vyose, kugira ngo ubutungane n’ikigongwe vy’Imana hamwe n’ukudahinduka kw’amabwirizwa yayo ntihagire uwongera kubigirako ikibazo.IB 353.2

    Ubugumutsi bwa Satani bwategerezwa kubera icigwa ivyaremwe vyose mu myaka yari gukurikira, igishingantahe kitavaho c’akarangamutima n’ingaruka ziteye ubwoba z’icaha. Itegeko rya Satani ry’ukwidohora, ingaruka zaryo ku bantu no kubamarayika, vyategerezwa kwerekana ico ugushira i ruhande amabwirizwa y’Imana vyama. Vyategerezwa kubera abantu ikimenyamenya c’uko ukumererwa neza kw’ivyaremwe n’Imana vyose kwenena ku ntwaro y’Imana n’amabwirizwa yayo. Uko ni ko inkuru y’uyu mugumuko uteye ubwoba washitse wategerezwa kubera abamarayika beranda inkebuzo yamaho, ibakingira kuba bohendwa kuvyerekeranye n’akarangamutima k’icaha kandi ikabakiza gukora icaha no gushikirwa n’ingaruka zaco.IB 353.3

    Igihe iherezo ry’intambara ihambaye mw’ijuru ryariko riregereza, Umurwanizi karuhariwe yarushirije kuvuga ko arenganywa. Hamaze gufatwa ingingo y’uko abamushigikiye bose na we ubwiwe bategerezwa kwirukanwa mu kibanza c’ubuninahazwa, uwo murongozi w’abagumutse yaciye yerekana akagaye gakomeye afitiye amabwirizwa y’Imana. Yarongeye yemeza ko abamarayika badakeneye uwubakurikirana mu vyo bakora, ahubwo ko bakwiriye gukora ibintu bakurikije uko bo babigomba, ko aho ari ho honyene bazogendera mu nzira nziza. Yariyamiije ivyagezwe vy’Imana avyagiriza ko binigira mu menshi ukwidegemvya kandi amenyesha yuko intumbero yiwe ari uko amabwirizwa yokurwaho; kandi hamwe boba bakuweko uwo mutwaro, ababa mw’ijuru boca binjira mu biringo vyo kubaho mu buzima bwo hejuru, mu cubahiro ciyongereye.IB 353.4

    Satani n’ingabo ziwe bafatanirije hamwe kwambika ibara Kristo ko ari we nkomoko y’ubugumutsi bwabo ; bavuga yuko iyo bataba bahanywe ntibari kwigera bagumuka. Kubwo kutigarura hamwe no kutagira ico batinya, bama barondera ariko ntibabishikeko gusambura intwaro y’Imana, ariko ntibabure kurogota bavuga ko bahohotewe n’intwaro y’agahotoro. Uwo mugumutsi wo mu rwego rwo hejunj hamwe na ba somambike biwe bahavuye inyuma ya vyose birukanwa mw’ijuru.IB 354.1

    Agatima nk’ako katumye mw’ijuru haboneka ubugumutsi n’ubu karacakorera kw’isi. Igikorwa Satani yatanguriye mw’ijuru yakibandanirije mw’isi. Mpwemu wa Satani ni we ubu akoresha abantu batagamburuka. Barondera kurenga ku vyo amabwirizwa y’Imana abuza nk’uko nawe yabikoze kandi bagasezeranira abantu umwidegemvyo ushitsweko habanje gukandagirwa ivyo isaba. Ugutunga icaha urutoke n’ubu bituma habaho agatima k’urwanko no kwihagararako. Iyo ubutumwa bw’inkebuzo bw’Imana bushikirijwe umutimanama, Satani aca atuma abantu barondera kwisigura kugira ngo habe hobaho ababatahura kandi bakabashigikira mu caha. Aho gukosora amakosa yabo, bagirira ishavu uwayatunzeko urutoke, nk’uko ariwe nkomoko y’ingorane bafise. Uhereye mu gihe ca Abeli umugororotsi, gushika no muri iki gihe turimwo, ako ni ko gatima berekanye imbere y’abubahuka bagatunga icaha urutoke.IB 354.2

    Uko kuntu Satani yerekanye kamere y’Imana ukutari ko mw’ijuru, agatuma Isumba vyose iboneka nk’uko ihambara kandi ari ruburakigongwe, vyatumye abantu bagwa mu caha. Kandi amaze kubona ko ivyo abishitseko, yavuze ko abantu baguye mu caha kubera yuko amabwirizwa y’Imana arenganya yababujije kwidegemvya, akaba ari na vyo vyamuteye kugumuka. Ariko rero, Uhoraho ubwiwe yarashize ahabona kamere yiwe : « Nd’Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi nteba kuraka ngira ikigongwe cinshi mpora nd’umwizigirwa. Nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi ,mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha, ariko simperereza urubanza k’utarugira . » Kuvayo 34 :6,7. Mu kwirukana Satani mw’ijuru, Imana yerekanye ubutungane bwayo kandi ishigikira icubahiro c’intebe y’inganji yayo. Ariko igihe umuntu yacumura mu kwemera ibinyoma vy’iyi Mpwemu yagumutse, Imana yarerekanye ikimenyamenya c’urukundo rwayo mu kwemera gutanga umwana wayo w’ikinege ngo aze apfire abantu baguye mu caha. Mu gikorwa c’impongano ni ho kamere y’Imana yihishurira. Ikimenyamenya ntabanduka c’umusaraba cereka ivyaremwe vyose ububi bw’icaha Lusiferi yahisemwo, ko ata buryo na bumwe buriho bwotuma citirirwa intwaro y’Imana.IB 354.3

    Mu rugamba ruri hagati ya Kristo na Satani, mu gihe umukiza yariko arangurira igikorwa ciwe hano kw’isi, kamere y’uwo munyakinyoma wo mu rwego rwo hejuru yashizwe ahagaragara. Nta kindi kintu catumye abamarayika bo mw’ijuru hamwe n’amasi yose agamburuka bakura gatima kuri Satani uretse ubwicanyi butagira izina yakoreye umucunguzi w’isi. Ukwubahuka akavuga amajambo y’amarogotano asaba y’uko Kristo yomwunamira, uguhirahira akamujana ku gasongero k’umutumba muremure hamwe no ku munara w’umsengero, ububi bwari bunyegeje inyuma y’aho yamuhimiriza ngo yikororere hasi, ububi bwamukoreramwo aho yama yamuhize akava mu kibanza kimwe akaja mu kindi, ni vyo vyakoreye mu mitima y’abaherezi n’abandi bantu basanzwe bihakana urukundo rwiwe, maze impera n’imperuka bavuza urwamo ngo : « Mubambe ! Mubambe ! » Ibi vyose vyatumye amasi yabikurikirana agwa mu gahundwe, arababara.IB 354.4

    Satani ni we yateye isi kwihakana Kristo vuba na vuba. Umuganwa w’ikibi yakoresheje ubushobozi n’uburyarya bwiwe bwose kugira ngo azimanganye Yesu; yabonyeko imbabazi n’urukundo, ikigongwe n’impuhwe vy’umukiza vyotuma isi isobanukirwa kamere yimana. Satani yarwanije ikuntu cose Umwana wimana yashize ahagaragara kandi akoresha abantu bose bamuyoboka kwuzuza ubuzima bw’umukiza umubabaro n'akabonge. Ububeshi n’uburyarya yarondeye gukoresha kugira ngo anyegeze igikorwa ca Yesu, urwanko rwashizwe ahagaragara n’abantu batagamburuka, ukwagiriza ivy’agacamutwe wa Wundi ubuzima bwiwe bwose bwabaye akarorero k’iciza, ivyo vyose vyerekana ishavu ribi ry’ukwihora. Ukwipfuza n’ubugizi bwa nabi burenze urugero, inzigo n’ukwihora vyagaragariye i Kaluvari, aho isi yose yakurikiranye mu gacerere kuzuye ubwoba amarorerwa yariko arakorerwa umwana wimana.IB 355.1

    Igihe ikimazi gihambaye cari kimaze gutangwa, Kristo yaduze mw’ijuru, aranka yuko abamarayika bamutazira atarashikiriza Se iki gisabisho: “Data abo wampaye ndagomba kw’aho ndi nabo bahabana nanje.” Yohana 17:24.” Hanyuma yaronse inyishu yuzuye ubushobozi n’urukundo birengeye ubusobanuro bw’abantu ivuye ku ntebe y’inganji ya Data: it’abamarayika bose bamusenge”.Abaheburayo 1:6.”IB 355.2

    Nta gasembwa Yesu yari afise. Ugucishwa bugufi kwiwe kwari kwarangiye, ikimazi kitagabanije cari catanzwe, yari yahawe izina riruta ayandi mazina yose.IB 355.3

    Ubu rero ububi bwa Satani bwari bwashizwe ahagaragara: nta kintu co kwirengagiza cari kigisigaye. Yari yamaze kwerekana kamere yiwe y’ukuri y’ububeshi n’ubwicanyi. Vyari bimaze kugaragara yuko ka gatima nyene yerekanye akoresha abana b’abantu yari afiseko ubushobozi, ni nako kari kumugaragarako iyo aronka akaryo ko kugira ububasha ku bantu baba mw’ijuru. Yari yemeje ko kurenga ibwirizwa ryimana bizana umwidegemvyo hamwe no gukuzwa; ariko ingaruka zavyo zari zagaragaye kwari ukuba mu buja hamwe no gusubira inyuma.IB 355.4

    Ico kinyoma ca Satani cari cagirije kamere yimana hamwe n’intwaro y’ijuru cagiye ahabona. Satani yari yagirije Imana ko irondera vyonyene ukwishira hejuru mu gusaba yuko ivyo yaremye vyose biyigamburukira kandi bikayunamira, kandi yari yavuze ko mu gihe Umuremyi asaba ko habaho ukwiyibagira kuvyo yaremye, yo ubwayo ntabwo yashora kwiyibagira canke ngo igire ikimazi itanga. Ubu rero vyari vyagiye ahagaragara kugira ngo ubwoko bwaguye kandi bugacumura bukire, nyene ububasha mw’isi no mw’ijuru yari yatanze ikimazi kirula ibindi, gitangwa vyonyene kubwo urukundo, kuko: “Nikwo kuvuga yukw’Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw’isi” 2 Abi Korinto 5:19. Ikindi cari cagaragaye ni uko mu gihe Lusiferi yari yugururirye icaha umuryango kubwo kwipfuza icubahiro no gushirwa imbere; Kristo we, kugira arandure icaha, yari yicishije bugufi kandi aragamburuka gushika ku gupfa.IB 355.5

    Imana yari yerekanye ingene ishishwa n’ingingo hamwe n’inyifato y’ubugumutsi. Ijuru ryose ryakurikiraniye hafi ukuntu ubutungane bwayo bwashizwe ahagaragara , haba mu gucirako iteka Satani canke haba mu gukiza umuntu. Satani yari yavuze yuko nimba ibwirizwa ry’Imana ridahinduka kandi nimba icaha cose gitegerezwa guhanwa, umunyavyaha wese ntashobora kugirirwa ubuntu n’Umuremyi. Yari yerekanye yuko ubwoko bwacumuye butari bugishobora gucungurwa, ko rero yari abufise mu minwe. Ariko urupfu rwa Kristo cari ikimenyamenya cerekana ko Imana yitwararika ineza y’abantu kandi ko ata buryo bwariho bwo kubizimanganya. Igihano kubwo amategeko yarenzwe caguye kuri wa wundi yari aringaniye n’Imana, kandi umuntu yari afise umwidegemvyo wo kwemera ubutungane bwa Kristo kandi kubwo kubaho ubuzima bwo kwigaya no guca bugufi, agatsinda ubushobozi bwa Satani nk’uko Umwana w’Imana yatsinze. Uko ni ko vyabonetse ko Imana itunganye kandi ko itsindanishiriza abo bose bizera Kristo.IB 355.6

    Yesu Kristo ntiyaje hano kw’isi kubabazwa no gupfa kugira ngo acungure vyonyene. Ikindi kandi camuzanye kwari “uguha agaciro ibwirizwa” hamwe no “kuritera iteka.” Nti kwari gusa ukugira ngo ababa kuri iyi si bashobore kwubahiriza ibwiriza nk’uko ritegerezwa kwubahirizwa; ariko kandi kwari ukwereka icese amasi yose yaremwe ko ibwirizwa ry’Imana ridahinduka. lyaba ivyo amabwirizwa asaba vyari gushirwa i ruhande, rero ntivyari gukenerwa yuko Umwana w’Imana atanga ubuzima bwiwe ngo bube impongano y’aho ibwirizwa rahonyanzwe. Urupfu rwa Kristo rwerekana yuko ridahinduka. Ikindi kandi ikimazi catanzwe kugira ngo abanyavyaha bashobore gucungurwa cereka amasi yose yaremwe - ikintu kitari gukorwa n’ikindi kintu icari co cose uretse uyu mugambi w’impongano - ko ubutungane hamwe n’imbabazi ari vyo mushinge w’amabwirizwa n’intwaro y’lmana.IB 356.1

    Igihe ingingo za nyuma zafashwe mu rubanza zizoba ziriko zirashirwa mu ngiro, bizogaragara yuko icaha ata shingiro gifise. Igihe umucamanza w’isi yose azobaza Satani ati: “Ni kuki vvangumukanye, kandi ukanyiba abantu bo mu bwami bwanje?” Uyo ikibi gikomokako ntaco azoba afise avuga. Akanwa kose kazocereza, kandi ingabo zose zagumutse nta jambo zizoba zifise ryo gushikiriza.IB 356.2

    Mu gihe umusaraba w’i Kaluvari werekana yuko amabwirizwa adahinduka, urongera ukamenyesha amasi yaremwe yose ko ingero y’icaha ari urupfu. Igihe Umukiza ariko aracikana yaduza ijwi akavuga ati: “Birarangiye”, igikoresho c’urupfu ca Satani cari gihagaritswe. Intambara ihambaye yari yari imaze igihe ibica bigacika yari ihagaritswe, kandi ukurandurana icaha n’imizi kwari gushobotse. Umwana w’Imana yarenganye inzugi z’ikuzimu kugira ngo ‘“urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ufise ubushobozi bw’urupfu, ni we wa murwanizi.”Abaheburayo 2:14. Ukwipfuza kwishira hejuru kwa Lusiferi kwamuteye kuvuga ati: ” nzoduga nje mw’ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana ; nzoba nk’Isumba vyose.” Yesaya 14: 13, 14; Imana nayo ivuga iti : “nzokugira umunyota urunze hasi imbere y’abo wabereye akabarore. wahindutse agaterabwoba, kandi ntuzosubira kubah’ukundi.” Ezekiyeli 28:18, 19. Igihe umusi uzoza“waka nk’itanure; abibone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’uwo musi ugira uze uzobatongora nik’Uhoraho nyen’ingabo agize, nta n’agashitsi cank’agashami uzobasigarana” Malaki 4:1IB 356.3

    Ivyaremwe vyose bizohinduka ivyabona vy’akarangamutima n’inkurikizi vy’icaha. Aho hambere ukurandurana icaha n’imizi vyari gutuma habaho ubwoba mu bamarayika no kutubaha Imana, ubu noneho bizogaragaza urukundo rwayo kandi biyiheshe icubahiro imbere y’ivyaremwe vyose bishimishwa no gukora ubugombe bwayo kandi bifise ku mutima ivyagezwe vyayo. Ikibi ntikizokwongera kugaragara. Uku ni ko ijambo ry’Imana rivuga: ” ubwo buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri. Nahumu 1:9. » Amabwirizwa y’Imana Satani yagirije ko ari ingoyi zitubohera mu buja, noneho azohabwa agateka ko ari amabwirizwa atanga umwidegemvyo. Ivyaremwe vyarenganye ibihe vyo kugezwa no gushirwa ku munzane ntibizokwongera kureka kugamburukira uwagaragaye imbere yabo ko afise kamere irangwa n’urukundo rutagira uko ruvugwa hamwe n’ubwenge budafise aho bugarukira.IB 356.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents