Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Intangamarara

    Imbere y’uko icaha cinjira mw’isi, Adamu yarashikirana n’Imana imbonankubone. Ariko kuva aho umuntu atandukanirijwe n’Imana kubera ukugabitanya, yaciye atakaza iryo teka rihambaye ryo mu rwego rwo hejuru. Yamara rero ku bwo umugambi w’agakiza udasanzwe, inzira yarugururiwe ababa kw’isi bose ngo bashobone kuba bonagura imigenderanire yabo n’ijuru. Imana yarinywanishije n’abantu biciye mu gikorwa ca Mpwemu Yera, kandi umuco uvuye mw’ijuru waramurikiye isi mw’ihishurwa ry’Umushumba wayo yitoranirije. “Abantu bavuga ivyava ku Mana barongowe naMpwemu Yera.” (2 Petero 1:21)IB 6.1

    Mu gihe c’imyaka ibihumbi bibiri n’amajana atanu ya kahise k’umuntu, nta vyandiko bishira ahagaragara ivyahishuwe vyariho. Ababa bigishijwe n'Imana ni bo babwira abandi ivyo bamenyeshejwe; kandi ivyo vyarahanahanwa, abavyeyi bakabibwira abana babo, uko urunganwe rwagenda rubisikana. Integuro y’amajambo ashizwe mu nyandiko yatanguranye n’igihe ca Mose. Ivyashizwe ahabona ku bwo uguhishurirwa vyakoranirijwe mu gitabo cahumetswe n’Imana. Igikorwa nk’iki carabandanije mu gihe kirekire kingana imyaka igihumbi n’amajana atandatu - utanguriye kuri Mose yanditse inkuru yerekeye irema hamwe n’ivyo amategeko, gushika kuri Yohana, we yabuye ibijanye n’Ukuri ntagereranywa kw’ubutumwa bwiza.IB 6.2

    Bibiliya iturongora ku Mana nk’Umwanditsi wayo bwite; n’ubwo bisanzwe bizwi ko yanditswe n’amaboko y’abana b’abantu; kandi mu buhinga bwo kwandika budasa bubonekera mu bitabo bitandukanye biyigize niho hagaragaza ko yanditswe n’abantu benshi. Ukuri kwose kwashizwe ahabona kwahumetswe n’Imana (2 Timoteyo 3: 16); n’ubwo kwamenyekanishijwe hakoreshejwe amajambo y’abantu. Uwamaho ibihe vyose yarasiye umuco ubwenge n’imitima y’abashumba biwe akoresheje Mpwemu wayo Yera. Yabahaye kurota hamwe no kwerekwa, abaserurira ibimenyetso hamwe n’ibigereranyo; gutyo abo ukuri kwahishuriwe bagushikirije abandi bahindura ivyiyumviro vyabo mu mvugo imenyerewe n’abantu.IB 6.3

    Amabwirizwa cumi yatangajwe n’Imana ubwayo, kandi yanditswe n’urutoke rwayo. Si abantu bayateguye, ni Imana ubwayo yayateguye. Ariko Bibiliya, ku bwo ukuri kwayo gukomoka ku Mana mugabo kukaba kwashikirijwe hakoreshejwe imvugo abantu bashobora gutahura; ni igitabo gihuza umuntu n’Imana. Ihuriro nk’iryo ribonekera no muri kamere ya Kristo, we yari umwana w'Imana akongera akaba umwana w’umuntu. Uku ni ukuri kugaragarira muri Bibiliya nk’uko kuboneka kuri Kristo, ko ” Jambo yihaye umubiri, maze abana natwe”. (Yohana 1:14).IB 6.4

    Ibitabo bitandukanye bigize Bibiliya vyanditswe n’abantu badasangiye igihagararo mu kibano kandi batarangura n’ibikorwa bimwe; abantu batanafise ubumenyi bumwe n’ingabire mu vya Mpwemu zimwe; ivyo bitabo biratandukanye uravye ubuhinga mu kuvyandika bwakoreshejwe hamwe mbere n’ivyiyumviro ngenderwako igitabo kimwe cose kigenda gishikiriza. Uburyo bwo gushikiriza iciyumviro butandukanye bwakoreshejwe n'abanditsi batandukanye; kandi kenshi na kenshi hari igihe abanditsi batandukanye bahurira ku kintu kimwe bakagishikiriza bompi ariko umwe akagishirako akatuzo gusumvya uwundi. Kandi rero kubwo abanditsi benshi bashobora guhurira ku kintu kimwe ariko bakagishikiriza ku buryo butandukanye umwe wese yubakiye kw’isano ico kintu gifitaniye n’ibindi; vyoshika ko umuntu afatira ibintu hejuru, ntabihe agaciro kavyo bikwiranye; canke ku musomyi afise amazinda akibaza ko vyataye igihe canke bivuguruzanya; mu gihe umwigishwa w’ubwenge kandi afise ukwiyumvira gushitse hamwe no kwubaha, kandi yugurutse mu ndabo, abibonamwo uburinganire butagira akanenge.IB 7.1

    Ku bwo abanditsi batandukanye, ukuri kwashizwe ahabona mu buryo butandukanye. Umwanditsi umwe arashira akatuzo ku buryo budasanzwe ku ruhande rumwe rw’ikintu; akubakira ku ngingo nkuru nkuru zifitaniye isano n’ivyamushikiye mu buzima canke n’ubushobozi afise bwo kubona ibintu hamwe no kubitahura; mu gihe uwundi mwanditsi yitwararika urundi ruhande; ariko umwe wese arongowe na Mpwemu Yera, ashikiriza icamushitse ku mutima gusumvya ibindi; uruhande rumwe rwose rwerekana igice c’ukuri kuba kwuzuye mu buryo buringaniye ku mpande zose. Kandi ivyo bice vyompi vy’ukuri vyerekanywe bihuriza hamwe kugaragaza ukuri kumwe kwuzuye, kuringaniye, kubereye, kugira ngo gufashe abantu guhangana n’ivyifuzo vyabo mu bintu bitandukanye vyose bacamwo hamwe n’ibibazo vy’ubuzima.IB 7.2

    Imana yarahimbawe no gushikiriza isi ukuri kwayo ikoresheje abantu; kandi ni yo ubwayo, yatoranije abo bantu, iranabashoboza kurangura iryo banga ikoresheje Mpwemu wayo Yera. Yararongoye ivyiyumviro vyabo mu kumenya gutoranya mu bindi iciyumviro co kuvuga hamwe n’ico kwandika. Ubutunzi bwari bunyegejwe mu mikuza imeneka yo kw’isi; ariko ico nticababujije guhinduka ubutunzi bukomoka mw’ijuru. Igishingantahe cashikirijwe mu majambo hakoreshejwe imvugo y’abantu itabuze akanenge; ariko ivyo ntivyabujije ko kiba igishingantahe kivuye ku Mana; kandi umwana w’Imana yizera kandi agamburuka yakibonyemwo icubahiro c’ubushobozi bw’Imana, bwuzuye ubuntu hamwe n’ukuri.IB 7.3

    Imana yashikirije abantu mw’ijambo ryayo ubumenyi bwose bukenewe kugira ngo bakizwe. Ivyanditswe vyera bikwiye kwemerwa nk’itegeko ritihenda rihishura ubugombe bwayo. Ni rwo rugero kamere ikwiye kwisunga, ni vyo bihishura ivyizerwa ngenderwako, kandi ni navyo ibikorwa vy’abantu bikwiye kwenenako. ” Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka; kugira ng’umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw’akore igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3: 16, 17)IB 7.4

    Ariko rero n’ubwo Imana yahishuriye abantu ubugombe bwayo ibicishije mw’ijambo ryayo, ivyo ntibitubuza gukenera Mpwemu Yera gihe cose ngo iturongore. Ahubwo Mpwemu twarayisezeraniwe n’Umukiza kugira ngo abe ari yo yugururira ijambo abashumba biwe, itange umuco kandi yerekane ingene inyigisho zoshirwa mu ngiro. Kandi kubera yuko ari Mpwemu w’Imana yahumetse Ivyanditswe Vyera, ntibishoboka ko inyigisho za Mpwemu zohushana n’izishikirizwa n’ijambo ry’Imana.IB 8.1

    Mpwemu Yera ntiyatanzwe — kandi ntishobora kugabwa - ngo isubirire Bibiliya; kuko Ivyanditswe bimara amazinda bigaragaza ko Ijambo ry’Imana ari ryo karisho inyigisho zose hamwe n’ibikorwa bikwiye kwisunga. Intumwa Yohana iravuga iti: “Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose,ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana; kukw’abigira abavugishwa n’Imana benshi badutse mw’isi.” (1 Yohana 4: 1). Kandi na Yesaya arabishingira intahe avuga ati: “Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batavuga ibihwanye na vyo bazoba mu bwirantibuce.” (Yesaya 8: 20).IB 8.2

    Hariho abantu bihaye kunegura igikorwa ca Mpwemu Yera; mu buzimire bwabo bavuga ko bafise umuco wa Mpwemu Yera, ko rero ata bundi bufasha bakeneye bwoboneka mw’ijambo ry’Imana. Abo bantu barongorwa n’ivyiyumviro bidafise ishingiro bafata nk’uko ari ijwi ry’Imana mu bwenge bwabo. Ariko rero iyo Mpwemu bavuga ko ibarongora si iy’ Imana. Ukwo kurongorwa n’ivyiyumviro nk’ivyo ku buryo ivyanditswe vyera vyirengagizwa, bishobora gutuma umuntu aba mu bwira ntibuce, akihenda mbere akanasubira inyuma. Ikintu co nyene ivyiyumviro nk’ivyo bishobora gushikanako ni ukwerekana ishusho y’ikibi. Rero kubera yuko igikorwa ca Mpwemu Yera gifise agaciro ntabanduka mw’ishengero rya Kristo; ni kimwe mu binyoma vya Satani kwishimikiza ivyiyumviro vy’abantu batwaza amanyama kandi badahanurwa, bigatuma ubona agasembwa ku gikorwa ca Mpwemu Yera maze ukaba wotuma abantu b’Imana badaha agaciro isoko ry’inkomezi Umwami wacu ubwiwe yategekanije.IB 8.3

    Hatabayeho guca kubiri n’ijambo ry’Imana, Mpwemu Yera yari ajejwe kubandanya igikorwa ciwe mu gihe inkuru nziza yamenyekanishwa. Mu biringo Ivyanditswe vyera, nk’uko biboneka mw’Isezerano rya kera na rishasha vyatangwa; Mpwemu Yera ntiyahagaritse kumurikira ubwenge bw’abantu; iruhande y’uko ivyahishuwe vyatunganirijwe hamwe mu gitabo ceranda. Bibiliya ubwayo irerekana ingene Mpwemu Yera yatumye abantu bakeburwa, barahanwa, barahanurwa, kandi barahabwa inyigisho mu bintu ataco bisana no gushikiriza Ivyanditswe vyera. Si agaseseshwarumuri, birazwi ko habayeho abavugishwa n’Imana, mu bihe bitandukanye, amajambo bashikirije ataho yashinguwe. Ni muri ubwo buryo nyene Ivyanditswe vyera bimaze kunonosorwa , Mpwemu Yera yabwirizwa gushishikara igikorwa ishinzwe co kumurikira abana b’Imana, kubagabisha hamwe no kubaremesha.IB 8.4

    Yesu yarasezeraniye abigishwa biwe ati: ” Arik’Umwitsa ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’azobibutsa ivyo nababariye vyose.” “Arik’uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kukw’atazovuga ivyo yigeneye, arikw’ivyo azokwumva vyose ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize” ( Yohana 14: 26; 16:13). Ivyanditswe birigisha ku buryo bwuzuye yuko ayo masezerano atari ayo mu misi y’intumwa honyene, ariko ko yahawe ishengero rya Kristo ry’ibihe vyose.IB 9.1

    Umukiza arahumuriza abamukurikiye avuga ati: “Umve ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi”. Na Paulo aremeza ko ingabire hamwe n’ibimenyetso vya Mpwemu vyatanzwe mw’ishgengero. ” Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa nawe, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n’abigisha; kugira ngo abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’lmana, bubake umubiri wa Kristo; kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubwinshi bw’ukunengesera kwa Kristo”. ( Abanyefeso 4: 11-13)IB 9.2

    Intumwa Paulo yarasabiye abizera b’i Efeso yinginga ” ngw’lmana Y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubwiza, ibahe umutima w’ubwenge no guhishurirwa mu kuyimenya; ngw’amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubwiza bw’ishamvu ifise mu bera, mumenye n’ubwinshi buhebuje bw’ubushobozi bwayo ikoreshereza muri twebwe abizera nk’uko kwa gukora kw’ububasha bw’ubushobozi bwayo bungana” (Abanyefeso 1:17-19). Igikorwa ca Mpwemu w’Imana mu kumurikira no mu kwugururira ubwenge ngo butahure mu buryo bwimbitse ijambo ryeranda ry’Imana, ni wo muhezagiro Paulo yaronderera ishengero ry’i Efeso.IB 9.3

    Aho Mpwemu Yera yigaragaza ku buryo buhambaye ku musi wa Pentekote; Petero yingingiye abantu kwihana no kubatizwa mw’izina rya Kristo, kugira ngo baharirwe ivyaha vyabo. Hamwe n’ivyo, yabandanije avuga ati: ” Ni mwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ariyo Mpwemu Yera. Kukw’isezerano ar’iryanyu kandi ar’iry’abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’umwami Imana yacu.” (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 38,39),IB 9.4

    Mu buryo buri hafi cane bufitaniye isano n’ibiringo vy’umusi uhambaye w'Uhoraho, Umwami akoresheje uwavugishwa n’Imana Yoweli yarasezeranye igaragazwa ridasanzwe rya Mpwemu Yera, nk’uko biboneka muri Yoweli 2:28. Ubu buhanuzi bwarashikijwe ku buryo bunengesereye mu gihe Mpwemu yasukwa ku musi wa Pentekote; ariko rero buzongera bushitswe ku buryo buhambaye cane mu kwiyerekana kw’ubuntu bw’Imana buzogaragara mu gihe igikorwa c’ubutumwa bwiza kizoba kiriko kirasozerwa.IB 10.1

    Intambara ihambaye hagati y’iciza n’ikibi izorushirizaho gukomera, uko ibihe bizogenda bishika ku musozo. Uko imyaka yagiye ibisikana, uburake Satani afitiye ishengero rya Kristo bwarushirijeho kwigaragaza; ariko Imana yagiriye abantu ubuntu kandi ibaha Mpwemu wayo ngo ibakomeze bashobore guhagarara bashikamye, bahangane n’umubi. Igihe intumwa za Kristo zajana ubutumwa bwiza kw’isi yose kandi bukandikwa ngo burungikirwe abantu b’urunganwe rwose; zari zimurikiwe mu buryo budasanzwe n’umuco wa Mpwemu. Ariko mu gihe ishengero ryiteze ugucungurwa kwaryo guhereza; Satani akorana ubushobozi bwinshi. Yakorororewe kw’isi “ari n’inzigo nyinshi, azi ko afise igihe gito” (Ivyahishuriwe Yohana 12:12). Azokorana ” ubushobozi bwose ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma” (2 Ab’I Tesalonike 2: 9). Mu gihe kingana n’imyaka ibihumbi bitandatu, uwigeze kuba kizigenza mu bandi bamarayika b’Imana, inkerebutsi karuhariwe, yaranzwe n’igikorwa c’ububeshi no gusambura. Ubuhinga bwose bwimbitse Satani yashitseko buhoro buhoro; ububisha bwose yakoresheje mu bihe bitandukanye yaciyemwo anyinyurana, buzokoreshwa mu ntumbero yo kwankiriza ubwoko bw’Imana mu rugamba ruzosozera izindi. Kandi rero muri iki gihe c’akaga gakomeye, abakurikiye Kristo bakwiriye kugabisha isi bashingiye ku kugaruka kw’Umwami wacu; abantu bakwiriye guteguzwa kugira ngo bazohagarare imbere yiwe igihe azoba agarutse “batagira amarabaga kandi batariko umugayo” (2 Petero 3:14). Mu gihe nk’ico, kuronswa ku buryo budasanzwe ubuntu bw’Imana hamwe n’ubushobozi si ikintu gito kitoba gikenewe kw’ishengero nko mu misi y’intumwa.IB 10.2

    Mpwemu Yera yarahishuriye umwanditsi w’iki gitabo ibiringo bikurikirana igihe kirekire vy’amakimbirane hagati y’iciza n’ikibi. Rimwe na rimwe, nagiye ngirirwa ubuntu nkerekwa, mu bihe bitandukanye, amakimbirane akomeye hagati ya Kristo, umuganwa dukesha ubuzima, we nkomoko y’agakiza kacu, na Satani, sekibi, we nkomoko y’icaha, uwabaye uwa mbere mu guca kubiri n’ibwirizwa ry’Imana. Urwanko Satani afitiye Kristo rwariyerekaniye mu bamwakiriye. Ukwo kwankiriza ingingo nshimikiro z’amabwirizwa y’Imana, ukwo kwisunga ikinyoma nk’ibwirizwa ngenderwako, bituma ikosa canke ubuhendanyi biboneka nk’uko ari ukuri; bituma amabwirizwa abantu bihinguriye asubirizwa ay’lmana; maze bigakwegera umuntu gusenga icaremwe aho gusenga Umuremyi; izo ntambuko zose zagiye ziyerekana uko kahise kagiye kabisikana. Satani yagerageje kugira uko ashoboye ngo yankirize kamere y’Imana, kugira ngo abantu biyumvire Umuremyi uko atari maze bitume bamwubahana ubwoba n’inzigo aho kubikorana urukundo; inguvu yakoresheje mu gushira ku ruhande ibwirizwa ry’Imana kugira ngo abantu bumve ko bafise ukwidegemvya imbere y’ibisabwa n’amabwirizwa; hamwe n’agahamo yasutse ku bahanganye n’ubuhendanyi bwiwe; vyaribonekeje ku buryo bugaragara uko urunganwe rwagiye rukurikirana. Vyaribonekeje muri kahise k’abakurambere n'abahanuzi; vyaribonekeje muri kahise k’intumwa; vyaribonekeje muri kahise k’abamaratiri hamwe n’abagorozi.IB 10.3

    Mu kiringo ca nyuma c’iyo ntambara ihambaye, Satani azokomeza gukora nk’uko yari asanzwe amenyereye; azobandanya kwerekana agatima yari asanzwe afise; maze arondere gushika ku nshingano nk’iyo yamanye mu bihe vyarenganye. Uko vyari kera ni nako bizoba bimeze ubu, uretse gusa ko urugamba twimirije ruzoba ruhambaye cane, rukomeye ku buryo buteye ubwoba butarigera buboneka kuva isi ibaho. Satani azorushirizaho guhenda abantu akoresheje ubuhinga buhanitse; ibitero vyiwe bizorushirizaho kwiyongera hamwe no gukomera. Iyo vyari kuzomushobokera, yohavuye mbere azimiza n’abatoranijwe. ( Mariko 13:22)IB 11.1

    Kubwo kugirirwa ubuntu maze Mpwemu w’Imana agahishurira ubwenge bwanje ukuri guhambaye kw’ijambo ryayo; akanyereka urukurikirane rw’ibintu bihambaye vyashitse muri kahise kandi vyitezwe muri kazoza; nahimirijwe kumenyesha abandi ivyo nahishuriwe; - kwerekana ingene iyo ntambara ihambaye yari imeze mu bihe vyarenganye; ariko cane cane kwibutsa abantu ivy’iyo ntambara kugira ngo ivyo bitange umuco ku kuntu intambara ihambaye yo muri kazoza irushirizaho kutwegereza. Mu gukurikirana iyo ntumbero, nagerageje uko nshoboye gutororokanya hamwe no gushira mu murwi umwe amateka yo muri kahise k’ishengero yofasha kwerekana ukuri guhambaye kandi ngenderwako isi yamenyeshejwe mu biringo bitandukanye uko imyaka yagiye irakurikana; ukuri kwatumye Satani ashangashirwa, akarushiriza kwanka ishengero rikundwa cane mw’isi; ariko kandi ukwo kuri akaba ari kwo kwazigamye n’ibishingantahe ” vy’abatakunze ubuzima bwabo gushika n’aho bicwa”.IB 11.2

    Muri ibi bintu vyanditswe dushobora kubonamwo igitutu c’iyo ntambara ihambaye imbere y’amaso yacu. Tubiravye birasiwe n’umuco w’ijambo ry’Imana kandi tumurikiwe na Mpwemu wayo, dushobora kubona ku mugaragaro ibinyoma vya wa mubi; hamwe n’imitego ikwiye kugenderwa kure n’abazosangwa “ata nenge” bafise imbere yuko Umwami agaruka.IB 12.1

    Amateka ahambaye yatumye ubugorozi bushinga imizi kandi butera imbere mu myaka yaheze, afise ikibanza kitazokwibagirana muri kahise; arazwi neza kandi kw’isi yose, abaporotestanti barayemeza ku buryo ari ibintu ata muntu n’umwe yohakana. Nerekanye kahise k’ibintu mu ncamake, nkurikiije ubwaguke bw’iki gitabo kandi nisunze ukuntu inkuru ikwiye gushikirizwa hatabanje kubaho kuvuga ido n’ido ry’ikintu cose; ivyashitse vyaregeranirijwe hamwe mu kibanza bikwiranye, kinafasha kugira ngo umuntu abe yotahura neza uko yobishira mu ngiro. Hari aho uwataye inkuru z’ivyashitse, yashize mu murwi umwe ivyo yavuze kugira ngo afashe abantu, mu buryo buciriye hagufi, gutahura ico ariko arashikiriza. Hari n’aho yerekanye ingingo nkuru nkuru zigize ico ariko arashikiriza ku buryo bwumvikana. Amajambo yiwe nayashikirije nk’uko yayavuze. Ahandi naho usanga ata mwitwarariko udasanzwe wagizwe, bivuye ko ivyashikirijwe bitari bitumbereye gushimika ku co uwo mwanditsi we ubwiwe yivugiye; gusa ari uko ivyo yavuze vyari bifitaniye isano n’ivyariko birashikirizwa kandi ataco vyokwica hamwe vyoba bikoreshejwe. Mu kwerekana, muri kino gihe, ibiringo abari imbere mu bugorozi baciyemwo hamwe n’ivyiyumviro bari bafise, ivyandiko vyabo vyamenyekanishijwe mu buryo bumwe n’ubwo nakoresheje kuri abo banditsi twari tumaze kuvuga aho ruguru.IB 12.2

    Intumbero y’iki gitabo ishirwa imbere cane, si uko hokwerekanwa ukuri gushasha kujanye n’urugamba ruhambaye rwo mu bihe vyarenganye, aho gufasha gushira ahabona ibikorwa hamwe n’ingingo ngenderwako vyokwisungwa mu biringo biri imbere. Ariko kubera yuko bifatwa nk’ikimenyamenya c’urugamba hagati y’inkomezi z’umuco n’umwiza; ibi bintu vyose vyashitse muri kahise ni ivyo kuduha ubusobanuro bushasha; ni ivyo gufata nk’urumuri ruboneshereza kazoza; kugira ngo inzira y’abafise igikorwa nk’ico abagorozi bo mu bihe vya mbere; abazohamagarwa n’ubwo bohebeshwa ivy’isi vyose, kugira ngo “bamamaze ijambo ry’Imana, kandi bashingire intahe Yesu Kristo”, itunganywe rwose.IB 12.3

    Iki gitabo canditswe kugira ngo hashirwe ahabona ibiringo bihambaye vy’urugamba hagati y’ukuri n’ikinyoma; kugira ngo herekanwe uburyarya bwa Satani n’uburyo bwokoreshwa kugira ngo abantu bahangane nawe; kugira ngo inyishu nziza ibereye ku ngorane y’ikibi kiri kw’isi, ishirwe ahabona herekanywe intango y’icaha n’ingene kizozimanganywa burundu ubwa nyuma kugira ngo hagaragazwe ubutungane bwuzuye n’ineza y’Imana igirira abo yaremye; kugira ngo ubweranda na kamere idahinduka y’amabwirizwa yayo vyibutswe abantu. Isengesho rivuye ku mutima ry’umwanditsi w’iki gitabo ni uko ubwaku kizogira ku mitima y’abantu bwotuma ibohorwa mu kuremururwa ubushobozi bw’umwiza, maze igahinduka iyo abasangiye ukuraganwa n’abera mu muco, “kugira ngo dutazire uwadukunze kandi akatubera incungu”.IB 12.4

    Ellen G. White

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents