Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 34 - Mbega Abapfuye Bovugana N'abakiri Bazima?

    Igikorwa c’abamarayika beranda nk’uko cerekanwa mu Vyanditswe ni ukuri kw’agaciro kandi kuremesha cane umuntu wese yakiriye Kristo. Ariko rero inyigisho ya Bibiliya kuri iyi ngingo yarajemwo igipfungu kandi iratiturwa n’amakosa y’inyigisho z’iyobokamana zakwiragiye hose. Inyigisho yuko umuntu afise akarangamutima ko kudapfa ngo ahere, yinjiye mw’ishengero ivuye mu vyiyumviro vy’abapagani no mu muzimagiza w’ubuhakanyi bukomeye wahavuye uronka ikibanza mu kwizera rukristo, vyahavuye bisubirira ukuri kwigishwa mu buryo bwuzuye mu Vyanditswe, yuko « abapfuye ata kintu na kimwe bamenya ». Abantu amasinzi bashitse aho bemera ko abamarayika bimana barungitswe gukora igikorwa ku neza y’abazoragwa agakiza ari “impwemu z’abapfuye,” nubwo Bibiliya ishinga intahe yerekana ko abamarayika bo mw’ijuru bamyeho kandi ko bagize uruhara mu mateka y’umuntu, imbere y’uko urupfu rushikira ikiremwa muntu.IB 387.3

    Ukwizera yuko umutima w’ umuntu udapfa, na cane cane inyigisho y’uko impwemu z’abapfuye zigaruka zikagira ico zifasha abakiri bazima, kwateguriye idini y’iki gihe inzira yo kuvugana n’abazimu. Ni vyaba ari ivy’ukuri koko ko abapfuye bemererwa kuja imbere yimana n’imbere y’abamarayika beranda, bagahabwa ubwenge busumba ubwo bahorana, mbega none ntibari bakwiye gusubira kw’isi kwigisha abakiriho? Nimba nk’uko vyigishwa n’abanonosoye ivy’iyobokamana rurangiranwa, mpwemu z’abapfuye zigendagenda hejuru y’abagenzi babo bari kw’isi, ni kuki zitokwemererwa kuvugana nabo, kubaburira ntibarwe mu kibi, canke kubaremesha mu kababaro? None nk’abo bizera yukw abapfuye bashobora kwiberaho mu kuzimu bamaze gupfa, bashobora kwanka inyigisho z’ibinyoma zibajeko nk’umuco wimana uzanywe n’impwemu zihezagiwe? Ngaha hariho inzira imwe abantu biyumvira ko itunganye, yamara ikaba ikoreshejwe na Satani kugira ngo ashitse imigabo yiwe. Abamarayika babi bakora ivyo Satani agomba, bagaragara nk’intumwa zivuye mu kuzimu. Aho ni ho Satani aca yirya akara ko ashoboje abazima kuvugana n’abapfuye, ni ho akoresha ububasha bwiwe bw’umwiza kubahenda mu vyiyumviro vyabo.IB 388.1

    Satani arafise ububasha bwo gutuma abantu bihinduramwo ibishushanyo vy’incuti zabo zapfuye. Ico gishushanyo kiba cuzuye: ishusho, imvugo n’ijwi biba ari vyo rwose. Abantu birabaresha bakizera yukw’incuti zabo zimerewe neza mu kuzimu, ntibaruhe batahura namba yuko bari mu kaga ko kwumviriza impwemu mbi n’inyigisho z’amashetani.IB 388.2

    Iy’abantu bamaze kwemezwa yuko abapfuye bagaruka kuvugana nabo, Satani atuma bamanukirwamwo n’abagiye mu mva batari bwitegure gusanganira Imana. Nabo nyene batangura kwihaya yuko bamerewe neza mu kuzimu kandi ko bafiseyo inshingano nkuru; gutyo rero inyigisho z’ibinyoma zigakwizwa yuko ata tandukaniro ririho hagati y’abagororotsi n’abanyavyaha. Abo bahendanyi bavuga ko bavuye mu kuzimu, bakaba bazanye inama zisa n’iz’ukuri. Iyo bamaze kwikwegerako abantu ngo babizere, batangura kuzana inyigisho zikura ukwizera kwabo ku Vyanditswe Vyeranda. Mu kwigorera gukorera ivyiza bene wabo bo kw’isi, bakwiza inyigisho mbi cane, kuko har’aho bavuga ukuri, ahandi naho bakavuga ibizoba; amajambo yabo agaragara nk’ingirakimazi, inyigisho zabo nazo zigaca zemerwa na benshi nk’uko umengo ni ukuri kwimana guhwanye n’ibintu bikuru bikuru vya Bibiliya, Inama zimana zikarekwa, Mpwemu w’ubuntu agakengerwa, maze amaraso y’isezerano agaharurwa nk’igihumanye. Abazimu ntibemera namba ko Yesu ar’Imana ndetse n’Umuremyi, bamugereranya nabo. Ubwo ni bwo buryo umwansi akomeza kurwaniriza Imana mw’isi nk’uko yabitanguriye mw’ijuru kuva mu myaka ibihumbi bitandatu ishize.IB 388.3

    Abantu benshi bagerageza gusigura ivy’abazimu, bakavuga yuko bikorwa mu bwenge bwiyorobetse canke mu bikorwa bitagaragarira amaso neza, bigakorwa n’intumwa za Satani. Naho mu vy’ukuri aribwo buryo benshi bahendwamwo yuko ibikorwa bitagaragarira amaso ari vyo abazimu biyerekaniramwo, yamara hariho n’ibindi bikorwa bigaragara neza ko bikozwe n’ububasha butar’ubw’umuntu. Impari zikomeye zariho mw’itangura ry’idini y’iki gihe yizera ivyo kuvugana n’abazimu ntizagizwe n’ubwenge n'ubwiyorobetsi bw’abantu, ahubwo ni ibikorwa bigaragara vy’abamarayika babi, kandi ico gikorwa ni co batanguje icigwa co guhenda abantu no kwonona. Benshi bazofatwa n’ukwizera yuko ububasha bw’abazimu ari ubuhendanyi bw’abantu gusa; kandi ni baramuka babonye igikorwa c’amashetani, ibintu utoshobora kwizera ko vyogirwa n’umuntu, bazoca bahendwa bemere yuko bigizwe n’ububasha bw’Imana.IB 389.1

    Abo bantu ntibiyumvira ingene Ivyanditswe Vyera bivuga ivy’ibitangaza bikorwa na Satani n’abakozi biwe. Abapfumu ba Farawo babashishijwe na Satani kwigana ibikorwa vy’Imana. Paul aremeza yuko imbere y’ukugaruka kwa Kristo hazobaho ibitangaza bisa nk’ivyo vyerekana ubushobozi bwa Satani. Ukugaruka kw’Umwami kuzobanzirizwa “n’inkomezi za Satani , kuri n’ubushobozi bwose, n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona”(2 Ab’i Tesalonike 2:9, 10). Intumwa Yohana asobanura ububasha bwo gukora ibitangaza mu misi y’iherezo ati: “Kandi gikora ibimenyetso bihambaye, kimanura umuriro mw’ijuru, ugwa mw’isi mu maso y’abantu, kizimirisha ababa mw’isi ibimenyetso cahawe gukora.”(Ivyahishuriwe Yohana 13:13,14). Ngaha ntihatubwira ivy’ubuhendanyi n’ubwiyorobetsi gusa. Abantu bahendwa n’ibimenyetso abakozi ba Satani bashobora gukora, si ivyo bivugira ubwabo ko bashobora gukora.IB 389.2

    Umutware w’umwiza, yakoresheje kuva kera ubushobozi bw’ubwenge bwiwe igikorwa co guhenda abantu, akoresha ubuhinga bwo hejuru mu kugerageza abantu akurikije urugero n’imirwi barimwo. Ku bantu bateye imbere mu bumenyi kandi bafise ivyiyumviro vyo hejuru, ivyo ukuvugana n’abazimu abibabwira mu buryo butunganije neza kandi bw’ubwenge, agashobora rero muri ubwo buryo gukwegera abantu benshi mu mutego wiwe. Ubukerebutsi ivyo ukuvugana n’imizimu bitanga, bwarerekanywe ido n’ido n’intumwa Yakobo ko “butururuka buvuye mw’ijuru, ariko ni ubw’isi, ni ubw’abantu, ni ubw’abadayimoni” (Yakobo 3: 15) Ariko rero uyo murwanizi abona ko bibereye kwiyorobeka kugira ngo ashike ku ntumbero ziwe, arabikora.Uwo yashobora guseruka yitwikiriye umwambaro uca ibibatsi w’abaserafi bo mw’ijuru imbere ya Kristo mu bugaragwa bw’ibigeragezo, arenguka imbere y’abantu mu buryo buhambaye bubakwegakwega nk’umumarayika w’umuco. Atera akamo imbere mu gushikiriza ivyiyumviro vyo mu rwego rwo hejuru; anezereza abantu mu kubabwira ibintu bihambaye kandi yikwegerako ibigumbagumba vy’abantu mu kuntu avuga ivy’urukundo n’uburwaneza. Atuma abantu biyumvira bakagera kure, bakagurukira mu ndoto, akabashikana aho bishimira ubukerebutsi bwabo ku buryo bakengera umwe yamaho ibihe vyose mu mitima yabo. Uwo munyenkomezi yashobora kujana umucunguzi w’isi hejuru ku musozi ahirengeye cane maze akazana imbere yiwe ubwami bwose bwo kw’isi n’icubahiro cabwo, azogerageza abantu mu buryo azozimiza ubwenge bw’abo bose batazoba bakingiwe n’ubushobozi bw’Imana.IB 389.3

    Satani ahenda abantu mur’iki gihe nk’uko yahenze Eva muri Edeni, mu kuvyura icipfuzo ciwe co kugira ubwenge atagenewe, mu gutuma bipfuza kwishira hejuru. Ni muri ubwo buryo yatumye abavyeyi bacu ba mbere bagwa, kandi yahagurukiye kwigisha umuntu wese kubera ivyo vyashikiye abo bavyeyi ba mbere. Aravuga ati: “Muzomera nk’Imana kuvyo kumenya iciza n’ikibi.”(Itanguriro 3:5) Inyigisho zishira imbere ukuvugana n’imizimu zivuga yuko “umuntu ari ikiremwa cama gitera imbere mu kwisununura; ni ukuvuga mu bijanye n’ibimurindiriye muri kazoza, kuva akivuka agatera intambwe gushika mu bihe vyamaho, yegera kurusha ubutatu bweranda.” Hamwe n’ivyo, izo nyigisho zivuga yuko, “umuntu wese ari we yicira urubanza ataruciriwe n’uwundi.” Urubanza rwa nyuma ruzoba rudahengamye kuko umuntu wese azogwicira.... “Intebe y’inganji iri muri twebwe.”Umwigisha w’ivyo kuvugana n’abazimu yarigeze kuvuga ati: “Iyo mpwemu ahaye umutimanama wanje kwikangura, abavukanyi bose nca ndababona nk’Imana, z’ibice, zitaguye. Uwundi nawe avuga ati: “Umuntu wese atunganye kandi atagira agasembwa ni Kristo.”IB 390.1

    Uku ni ko mu kibanza c’ubugororotsi n’ubutungane vy’Imana itagira itanguriro n'iherezo, yo yonyene ibereye gusengwa; mu kibanza c’amabwirizwa yayo agororotse, urugero nyakuri, umuntu yokwisunga, Satani yahasubirije akarangamutima k’icaha no kuzimira vy’umuntu ubwiwe, nk’uko ari we wenyene rugero rubereye rwa kamere yo kwisungwa.Uku si ugutera intambuko uja hejuru ahubwo ni ugusubira hasi.IB 390.2

    Ni itegeko haba mu vyo akarangamutima k’ubwenge canke k’ivya Mpwemu ko duhinduka tukagira ishusho y’ivyo canke y’uwo dusamariye. Ivyiyumviro vy’umuntu buhoro buhoro biraringanira n’ibintu yama yashikijeko amaso. Birifatanya n’ivyo umuntu yimenyereje gukunda no kwubahiriza. Umuntu ntazokwigera aduga ngo ashike hejuru y’urugero we ubwiwe yihaye rwo kwisunga mu vyo ubweranda, gukora ineza canke ukuri. Mu gihe inarije ari co ciyumviro ashira imbere y’ibindi, ntazokwigera atera intambwe ngo ashike ku kindi kintu kiruta ico. Ahubwo azorushiriza gusubira hasi cane. Ubuntu bw’Imana bwonyene ni bwo bushobora gutyorora umuntu bukamushira hejuru. Hamwe yobura ikimwunganira, nta gukekeranya umuntu yogwa agasubira mu kibi.IB 390.3

    Ku bantu biyorohereza, ku bakunda ibibanezera, ku bashira imbere ivyipfuzao vy’umubiri, ivy’ukuvugana n’imizimu bikorwa mu bwenge bwiyorobetse canke mu buryo butagaragarira neza amaso kuruta uko bikorwa imbere y’abantu bateye imbere kandi b’abanyabwenge; umwe wese muri rusangi abibonamwo ibiberanye n’ivyo yipfuza. Satani aragendereza akantu kose kerekeranye n’intege nke z’akarangamutima k’umuntu, araca akarongo musi y’ivyaha usanga umuntu yihutiye gukora; hanyuma rero agaca yitwararika kugira ngo ntihaze habure akaryo kotuma kamere y’umuntu iseruka. Asunikira abantu kurenza urugero iyo bariko bakora ivyo amategeko yemera, kugira ngo baciye mu kutigerera, bagire intege nke mu vyo umubiri, mu vy’ubwenge hamwe no mu vyo ubushobozi runtu. Yaramaze gusambura kandi n’ubu aracabadanya abantu ibihumbi n’ibihumbi, biciye mu kutigerera mu vyo bipfuza; uko ni ko bakandamije ku buryo bwuzuye akarangamutima k’umuntu. Kandi kugira ngo anonosore igikorwa ciwe, abicishije mu mpwemu, aravuga ko “ubwenge bw’ukuri butuma umuntu aba hejuru y’amategeko”, y’uko “ikintu cose kiriho, kiba kibereye”, ko “Imana ata muntu icira urubanza”, “kandi ko ivyaha vyose vyakozwe ataco vyonona.” Iyo abantu barongowe kwizera muri ubwo buryo, icipfuzo nk’ico ni co gica kibahindukira ibwirizwa ryo hejuru, ko umwidegemvyo ari ukurenga ibwirizwa, kandi ko umuntu wese akwiriye kugira umwitwarariko ku giti ciwe; ni nde yogira ico yibaza abonye ubugizi bwa nabi hamwe n’itituka ry’imico ahantu hose. Abantu isinzi berekanye ko bipfuza kwemera inyigisho zibakomorera umwidegemvyo wo kugamburukira ivyo umutima kimuntu usunitse. Ingogo ku narije barayireka bakamogorera ku kwipfuza; ubushobozi bw’umutima n’ubwenge ntibuba bugifise agaciro, burarengerwa umuntu akigenza bukoko; maze Satani akanezezwa no kubona abantu ibihumbi bavuga ko bakurikira Kristo baguye mu mitego yiwe.IB 390.4

    Ariko ntibikwiriye ko duhendwa n’ubwishime bw’ubuhendanyi bw’imyizerere y’ivyo kuvugana n’abazimu. Imana yahaye ab’isi umuco ukwiye wo kugaragaza ubwo buhendanyi. Nk’uko vyamaze kwerekanwa, inyigisho y’urufatiro rw’ivyo ukuvugana n’abazimu igwanya icese ivyo Ivyanditswe bishikiriza. Bibiliya ivuga yuko abapfuye ata kintu na kimwe bamenya, ivyiyumviro vyabo birazimangana, nta ruhara na rumwe bafise mu bintu bikorerwa musi y’ijuru; nta na kimwe bomenya ku vyo umunezero canke agahinda k’incuti zabo zishika, kuri iyi si.IB 391.1

    Icongeyeko, Imana yarabujije bimwe bigaragara ikintu cose kiza gishigikira yuko habaho kuvugana n’imizimu y’abapfuye. Mu gihe c’Abaheburayo, hariho umurwi w’abantu bemeza, nk’uko abashashaye ivy’imizimu bavuga muri kino gihe, ko bavugana n’abapfuye. Izo ngenzi zivuye mu yandi masi bazita, “impwemu zimenyerewe” ariko Bibiliya yo izita “impwemu z’abadayimoni”. Igikorwa co kwitwararika “izo mpwemu zimenyerewe” ni igisesema k’Uhoraho kandi cari kibujijwe ku buryo kubirengako vyakwegera umuntu igihano co gupfa. Uburozi ni ikintu ubu gikengeretse cane. Ukuvuga ko abantu bashobora kuvugana n’impwemu z’abadayimoni biboneka nk’uko ari akajajuro ko mu bihe vy’umwiza. Ariko ukuvugana n’abazimu, guharura abo kumaze kwigarurira mu majana y’ibihumbi, ego, mu mamiliyoni; kwaramaze kwinjira mu mirwi y’abanyabwenge, kwaramaze gutera amashengero mbere no mu manama nshingamateka hamwe no ku birimba vy’abami - iki kinyoma c’amahero kigarutse bundi bushasha, ciyoberanije ukundi; ni bwa burozi bwigera gutuzwa kandi bugacirwako iteka mu bihe vya kera.IB 391.2

    Iyaba hatari ikimenyamenya ca kamere y’ukuri yo kuvugana n’imizimu, vyari kuba bikwiriye ku mukristo kubona vyonyene ko imizimu idatandukanya hagati y’ineza n’icaha; hagati y’umuntu w’intungane, umuntu arusha abandi mu ntumwa za Yesu kuba agororotse hamwe n’umuntu mu bakozi ba Satani arusha abandi kuba mubi; vyari kuba bihagije. Mu kwerekana ko umuntu afise kamere iri inyuma y’abandi ari mw’ijuru, kandi ahanezererewe, Satani aba ariko arabwira isi ati: “Ububi bwawe nta ngorane buteye; ntaco bitwaye kuba wemera canke utemera Imana na Bibiliya. Baho uko wiyumvira, ijuru ni ahantu ukwiriye kugerera.” Abigisha abantu ivyo ukuvugana n’imizimu mu bisanzwe bavuga bati: “Umuntu wese akora ivyaha ni mwiza imbere y’Uhoraho, ngo kandi aramuhimbara ; canke ngwimana ica imanza iri hehe ?” (Malaki 2:17) Ijambo ry’Imana naryo rivuga riti : “Bazobona ibara abita ikibi iciza, iciza naco bakacita ikibi ; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco n’umuco mu gishingo c’umwiza!’’(Yesaya 5:20)IB 391.3

    N’intumwa nazo iyo zinjiwemwo n’impwemu mbi z’ibinyoma zica zimera nk’izihakana amajambo zandikishijwe na Mpwemu Yera zikiri kw’isi. Zihakana ko Bibiliya atari ijambo ryera ry’Imana, maze zigasambura urufatiro rw’ivyizigiro vy’Abakristo, amatara yamurikira inzira ija mw’ijuru akazima. Satani yizeza abantu yuko Bibiliya ari igitabo c’imigani yanditswe gusa, canke igitabo gikwiye gusomwa n’amoko ya kera gusa, ngo naho ab’ubu bogihimbaza na buhoro canke kikarabwa nk’ikintu ca kera kitagikoreshwa mur’iki gihe. Mu kibanza c’ijambo ry’Imana Satani yerekana abazimu. Iyo rero ni yo nzira ija mu butware bwiwe rwose; ni nabwo buryo yizeza abantu bose ivy’agomba. Igitabo cose kizocira Satani n’abayoboke biwe urubanza agishira mu mwiza kugira ngo gikengerwe nk’uko agomba, kandi agereranya Umukiza w’abantu nk’abantu bose bo kw’isi. Kandi nk’uko abasirikare b’abaroma, barinda imva ya Yesu bakwije ibinyoma babwiwe n’abaherezi bakuru, bahakana ukuzuka kwa Yesu, ni ko n’abo bizera ivy’abazimu bahenda abantu ngo nta bintu bitangaje canke ibimenyetso biri mu kubaho kw’Umukama wacu. Iyo bamaze gusuzugura Yesu gutyo, batangura gutumbereza abantu ku bimenyetso vyabo ubwabo, bakavuga yukw’ivyo bimenyetso bisumba ivyakozwe na Yesu.IB 392.1

    Ni ivy’ukuri yuko muri kino gihe ukuvugana n’imizimu kugenda guhindura ishusho, kukanyegeza bimwe mu bikuranga kurusha ibindi, maze ku kiyambika akaranga rukristo. Ariko rero amajambo yashikirijwe icese canke yasohotse mu bitabo, haraheze imyaka m’imyaka ashikiriye abantu kandi arerekana neza kamere y’ukuvugana n’imizimu iyo ari yo. Izo nyigisho ntiwozihakana canke ngo uzinyegeze.IB 392.2

    Mbere no mu kuntu ivyo ukuvugana n’imizimu bimeze ubu, n’aho navyo nyene bitabereye kwihanganirwa kuko ataco birushije ivyo hambere, ni ibintu bibi cane, kuko ni ubuhendanyi bujana umuntu akayombekere. Mu gihe vyigeze kwihakana Kristo na Bibiliya, ubu noneho vyerekana ko bibemera. Ariko Bibiliya isobanurwa mu buryo ishimisha umutima utaravugururwa, mu gihe ukuri guhambaye kandi kuzima bakugwiza n’ubusa. Urukundo bararwubakako nk’akaranga gasumba ubundi k’I mana, ariko ruratiturwa, rukerekanwa rufife intege nke z’umubiri, ata tandukaniro rihambaye rugira hagati y’iciza n’ikibi. Ubutungane bw’Imana, ukuntu icaha gitungwa urutoke, ibisabwa n’amabwirizwa yera yayo, vyose bishirwa iruhande y’amaso ntabibone. Abantu barabigisha ngo amabwirizwa bayafate nk’ikete ryataye igihe. Imigani iryohera amatwi kandi wohora urumviriza ituma abantu bataba bagifata Bibiliya nk’ishingiro ry’ukwizera kwabo. Satani yahinduye abantu impumyi ku buryo batagishobora gutandukanya ikinyoma n’ukuri.IB 392.3

    Abantu bakeya ni bo bafise iciyumviro c’ukuri c’ukuntu ukuvugana n’imizimu ari ikinyoma gikomeye kandi ko ubwaku bwaco buteye ubwoba. Abantu benshi baravyimenyereza kugira bimare amatsiko. Ntibavyizera vy’ukuri kandi batekerwa n’ubwoba hamwe bogira iciyumviro c’uko bari musi y’ubushobozi bw’imizimu. Ariko rero bakinira ku kibuga bababujije kandi umusambuzi akomeye abagirako ubushobozi buhushanye n’ukugomba kwabo. Iyo bemeye ko ivyiyumviro vyabo abigirako ububasha rimwe gusa, aca abugaranira mu buja. Ntibibashobokera, bakoresheje inguvu zabo, kwibohora ubwo buhendayi bubakwegakwega. Nta kindi kintu uretse ubushobozi bw’Imana bwonyene, buza nk’inyishu ku masengesho yo kwingina mu kwizera, coshobora kubohora abo bantu baba baguye mu mutego nk’uyo.IB 392.4

    Abantu bose bimenyereza kamere y’icaha canke bakareka icaha runaka kikizizira ubuzima bwabo, baba bariko baratumira Satani kubagerageza. Baba bo ubwabo bitandukanije n’lmana kandi bikuye musi y’uburinzi bw’abamarayika bayo. Iyo umurwanizi abahenze, nta nkinzo n’imwe baba bafise maze bagaca bafatwa mpiri. Abantu bishira gutyo musi y’ubushobozi bwiwe nta kinini bazi ku vyerekeranye n’aho ivyo bizobashikana. Umurwanizi amaze kubigarurira, azoca abakoresha nk’abo afiseko ububasha kugira ngo na bo bazimize abandi.IB 393.1

    Umuhanuzi Yesaya yaravuze ati: ” Kandi ni bababwira ngo ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira, bakongorerana; Mbega ikibereye abantu ntibari bakwiye kurondera Imana yabo, akaba ariyo babaza? Mbeg’ivy’abariho vyobazwa abapfuye? Dusubire ku Vyagezwe no kuri vya bishingantahe, ni batavuga ibihwanye na vyo bazoba mu bwira ntibuce.” (Yesaya 8:19,20) Hamwe abantu boshobora kwakira ukuri kuvugwa icese na Bibiliya yuko abapfuye ata co bamenya, ni ho boshobora kubona mu majambo n’ukwiyerekana kw’abazimu igikorwa ca Satani, akoresha inkomezi n’ibimenyetso vy’ibinyoma. Ariko kuko bibakomerera guheba ivyifuzo vyabo vy’umubiri, ntibagombe guheba ivyaha vyabo bakunda gukora , abantu benshi barahumurizwa ngo ntibabone umuco; kandi babandanya kuja imbere batitaye ku mpanuro bahabwa, maze bakagwa mu mutego wa Satani yabateze. “Kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe, ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma.” (2Ab’I Tesalonike 2:10,11).IB 393.2

    Abanse inyigisho z’ivyo kuvugana n’abazimu ntibaba barwanije abantu gusa, ahubwo barwana na Satani ubwiwe n’abamarayika biwe. Bari ku rugamba barwana n’abafise ubushobozi n’abatwara iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru. Satani ntazosigaza akanya na gatoya hamwe atoba yirukanywe n’ubushobozi bw’intumwa zo mw’ijuru. Abantu b’Imana bakwiye kwitegura kumutsinda nk’uko Umukama wacu yamutsindishije aya majambo ngo: “Handitswe ngo.” Gushika n’ubu Satani arashobora kuvuga imirongo yo muri Bibiliya nk’uko yabivuze mu gihe ca Yesu, kandi azohindura nabi inyigisho za Bibiliya kugira ngo zihure n’ubuhendanyi bwiwe. Abazohagarara bashikamye muri iyi misi y’akaga bategerezwa kuba batahura igishingatahe c’lvyanditswe.IB 393.3

    Abantu benshi bazoterwa n’impwemu z’amashetani canke abazimu bigira benewabo n’incuti zabo zapfiiye bakababwira inyigisho mbi zanduye. Izo mpwemu mbi z’amashetani zizokwegakwega imitima yacu mu kutwereka no kutubwira ibiduhagarika imitima, ariko bazokora ibimenyetso vyinshi vyemeza ubuhendanyi bwabo. Dutegerezwa kwitegurira kubatsindisha ukuri kw’ijambo ry’Imana, ngo abapfuye nta co bazi, kandi yuk’ivyo biriko biraduka, ar’abazimu, impwemu z’amashetani.IB 393.4

    Imbere yacu hariho “igihe co kugerageza kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw’isi.”(Ivyahishuriwe Yohana 3:10). Abo bose bafise ukwizera kudashinze imizi kw’ijambo ry’Imana bazohendwa kandi baneshwe. Satani “akoresha ubuhendanyi bwose bw’ikibi” ashobobora kwiyumvira kugira ngo yigarurire abantu, kandi ubuhendayi bwiwe buzobandanya kwiyongera. Ariko intumbero yiwe ayishikako iyo abantu bahisemwo ku kugomba kwabo guhendwa na we. Abo barondera uko bashoboye kumenya ukuri kandi bahora mu ntambara yo guhumanura imitima yabo biciye mu bugamburutsi, bazokora uko bashoboye muri ubwo buryo ngo bitegurire urugamba; bazoronka mu Mana y’ukuri umurinzi wo kwizigirwa. Isezerano ry’Umukiza ni iri ngo: “Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje nanje nzokurinda.” (Ivyahishuriwe Yohana 3:10) Azorungika vuba cane umurayika wese gukingira abantu biwe aho kubona umuntu umwe gusa amwizeye aneshwa na Satani.IB 393.5

    Umuhanuzi Yesaya aratwereka ikinyoma giteye ubwoba kizoshikira ababi, kibatera kwiyumvira yuko bakingiwe, ko urubanza rwimana rudashobora kubashikako :“Twasezeranye isezerano n’urupfu kandi twemeranije n’i kuzimu ; icago ni casendanisha kigahita mu gihugu ntikizodushikako; twironkeye ubuhungiro mu binyoma, tukaba tunyegeye musi y’ubugunge.” (Yesaya 28:15). Muri uyu murwi uvugwa hano hariho abakomantaje imitima banka kwihana, bakiremesha bavuga yuko ata gihano kirindiriye umunyavyaha; ko umuntu wese, hatabanje kurabwa ingene yiyanduje, azoterwa iteka ryo kuduzwa mw’ijuru, aho bazohinduka nk’abamamyika bimana. Ariko ikindi kandi giteye ubwoba ku buryo buhambaye ni abo bagiriranira amasezerano n’urupfu kandi bakumvikana n’ikuzimu, birengagiza ukuri ijuru ryamenyekanishije kubera inkinzo abagororotsi mu gihe c’ingorane, bakagukaba n’ubuhendanyi bwa Satani akaba ari bwo babonamwo ubuhungiro - ikinyoma cigendera cerekeranye n’ivyo kuvugana n’imizimu.IB 394.1

    Ikintu rero gisiga ubwenge gusumvya ibindi ni uruhumyi rwashikiye urunganwe rw’ubu. Abantu ibihumbi ntabwo bemera ijambo ryimana: bavuga ko ritabereye kwizerwa maze n’ubwizigirwa bwinshi bakemera ibinyoma vya Satani. Abantu bakekeranya hamwe n’abakengerana, babona ko abahagararira ukwizera kw’abahanuzi n’intumwa bahenzwe, ko bashigikira bintu batabanje kurimbura. Ahubwo banezezwa no kuvuga nabi ivyo Ivyanditswe bishikiriza ku bijanye na Kristo hamwe n’umugambi w’agakiza, hamwe n’impera izohabwa abanse kwemera ukuri. Baragira ubwaku bukomeye ku bantu bafise ivyiyumviro vya hafi, b’intege nke, bemera ibintazi aho guha agaciro ivyo Imana isaba kandi bakubaha ibishikirizwa n'amabwirizwa yayo. Ubona bakekeranya rwose nk’uko boba bafitaniye amasezerano n'urupfu canke boba barumvikanye n’i kuzimu -nk’ubo boba baradugije uruhome ntamenwa kandi ntarenganwa hagati yabo hamwe no guhora kwimana. Nta kintu na kimwe kibatera ubwoba. Baramaze kwishira mu maboko y’umurwanizi, baramaze kwifatanya na we, mpwemu wiwe ni we abakoresha ku buryo ata bushobozi na bumwe canke ugushaka bafise bwo kwibohora mu mitego yiwe.IB 394.2

    Hashize igihe kirekire rwose Satani ashishikarira kwitegura guhenda abari mw’isi. Urufatiro rw’ibinyoma vyiwe n’amajambo yabwiye Eva, ati: “Haba n’intete ntimuzopfa... umusi mwariye ku vyamwa vy’ico giti, amaso yanyu azokwihweza, mumere nk’Imana kuvyo kumenya ivyiza n’ibibi.” (Itanguriro 3:4,5) Buhoro buhoro yateguye uburyo bukomeye bwo kwemeza abantu ivyo kuvugana n’abapfuye. Ivy’agomba ntarabishikako vyose, ahubwo azobishikako cane cane mu gihe c’iherezo.”Uku ni ko uvugushwa nimana avuga “Mbona... impwemu zitatu zihumanye, zisa n’ibikere. Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw’isi yose ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.”( I vyahishuriwe Yohana 16: 13,14) Uretse vyonyene abantu bazoba bakingiwe n’ubushobozi bw’Imana biciye mu kwizera ijambo ryayo, isi yose izokwisuka mur’ubwo buhendanyi. Abantu bazokwirema umutima vuba cane ngo bari mu mutekano, yamara bari mu kaga ko gupfa; ariko ntibazokangurwa n’ikindi, atari uburake bw’Imana buzobasukwako.IB 394.3

    Umwami Imana aravuga ati: “Kand’imanza ziroranye nizo nzogira umugozi ugera n’ubugororotsi nzobugira karisho : urubura ruzovumvura ubwo buhungiro bw’ibinyoma kand’amazi azosendanisha aho hantu ho kwinyegeza. Maz’isezerano mwasezeranye n’urupfu rizopfa, kand’inyemero mwemeranije n’i kuzimu ntizohama ; arik’icago ni casendanisha kigahita mu gihugu ni ho kizobasiribangira hasi. “(Yesaya 28:17, 18)IB 395.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents