Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 4 - Aba Walidensi

    Muri wa muzimagiza wamaze igihe kirekire c’ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma, umuco nyakuri ntiwashoboye kuzimangana rwose. Mu mvyaro z’abantu zose hari abashingira Imana intahe- abantu bazigamye ukwizera kwabo muri Kristo, Umuhuza wenyene w’Imana n’abantu , abantu bafashe Bibiliya nk’urugero rw’ubuzima rwonyene, ntibatirimuka kw’isabato y’ukuri. Abavutse hanyuma y’abo bantu ntibari kuzomenya namba ubukuru bw’ivyiza barazwe kubera ibikorwa vyabo. Biswe abagumutsi, ivyiyumviro vyabo birahakanwa,ingeso zabo ziranebagurwa nayo ivyo banditse birahagarikwa bivugwa ukutariko ahandi naho bakavanamwo ingingo zimwe zimwe z’ingira kamaro. Ariko rero bahagaze bashikamye mu bihe vyose bazigamye ukwizera kwabo nyakwo nk’iragi ryeranda ry’abazobakomokako.IB 45.4

    Amateka y’ubwoko bw’Imana muri ivyo bihe vy’umwiza wakurikiye ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma yanditse mw’juru, ariko afise ikibanza gito cane mu vyo abantu begeranije bagashingura. Ivyandiko vyerekana ukuntu ubwo bwoko bwabayeho ntibirwiriye cane; n’ibiboneka ubisanga mu vyo ababahama babagiriza. Ryari itegeko ry’ishengero ry’i Roma ko hazimanganywa akantu kose kerekana itandukaniro ry’inyigisho zabo n’iz’ishengero ry’i Roma. Ikintu cose cafatwa nk’ubugumutsi, baba abantu canke inyandiko, cararonderwa kugira ngo kizimanganywe. Kwerekana amakenga ufise canke kugira ikintu wobaza cerekeranye n’ubushobozi bw’amategeko ntabanduka ya Papa, vyari bikwiye kugira ngo bakuzimanganirize ubuzima, waba utunze canke ukenye, waba uhambaye canke woroheje. Ishengero ry’i Roma ryaritwararitse kandi kuzimanganya inyandiko zose zerekeranye n’ububisha ryagiriye abatari bemeye inyigisho zaryo. Amanama yo mu rwego rukuru rw’ishengero i Roma yafashe ingingo y’uko ibitabo hamwe n’izindi nyandiko zose zerekana ivyo ishengero ry’i Roma ryakoreye abatavuga rumwe na ryo, bitegerezwa guturirwa bikazimangana ukutazokwongera kwibukwa ukundi. Imbere y’uko habaho amacapiro hariho ibitabo bikeya cane, kandi n’ivyariho vyari ibintu amahero atari ikintu coroshe kubikika canke kugendana. Ivyo rero vyabereye ishengero ry’i Roma nko kuvomera mu cogeje maze rishika ku mugambi waryo biryoroheye.IB 46.1

    Nta shengero na rimwe ryari mu karere k’ubutware bwa Roma ritigeze rihungabanywa ngo ribuzwe umwidegemvyo waryo mu kwemera. Ntivyatevye na gato, ubupapa bumaze kwegukira ubutware, bwaciye bwihutira kwikiza abo bose batemera inyigisho zabwo. Uko ni ko amashengero yagiye arakurikirana mu kwifatanya n’ishengero ry’i Roma.IB 46.2

    Mu ntara imwe nini iri mu zigize Ubwongereza, ishengero rukrisito ryari ryahashinze imizi hakiri kare. Ubutumwa bwiza abantu baho bari bakiriye ntibwari bwaratosekajwe n’ubuhakanyi bw’ishengero ry’i Roma. Agahamo katunganijwe n’abatware b’abapagani, kahavuye kanashika muri izo ntara za kure, hakurya y’amazi. Ni ico kintu conyene amashengero yo mu Bwongereza yibukirako ishengero ry’i Roma. Abakristo benshi barahunga kugira ngo bikingire agahamo bakava mu ntara imwe bakaja mu yindi. Uko niko ukuri kwahavuye kumenyekana muri Irlande; kandi intara zose ukuri kwashikamwo, abantu bakwakirana akanyamuneza.IB 46.3

    Mu gihe Ubwongereza bwaterwa bukagaruzwa umuheto n’abantu b’abanyamahanga - aba Sakisoni - ubupagani bwari bwinjiye mu gihugu. Abo bari bigaruriye Ubwongereza ntibashimye kwigishwa n’abo bahasanze; ivyo vyatumye abakristo barondera ubuhungiro mu mitumba no mu bibanza bitabamwo abantu. Ariko rero, umuco ntiwanyegejwe umwanya muremure; wabandanije kwaka. Mu ntara ya Scotland, inyuma y’imyaka ijana, umuco waratse urabonesha gushika kure mu tundi turere. Mu gihugu ca Irlande, Kolumba, umuntu akunda ivy’Imana, ari kumwe n’abantu bakorana bakoranije hamwe abizera bari barasanzarijwe kw’izinga ryitaruye rya Iyona, baca bahagira icicaro c’ibikorwa vyabo vyo gukwiza ubutumwa. Muri abo bavugabutumwa harimwo umuntu yubahiriza Isabato nk’uko iboneka muri Bibiliya. Ni muri ubwo buryo ukwo kuri kwatsimbatajwe mu bantu. Ishure ryo kwigisha ivyo kuvuga ubutumwa ryaciye rishingwa kuri iryo zinga nyene. Imikangara isohotse muri iryo shure ni yo yaca irungikwa kuvuga ubutumwa muri Scotland, Ubwongereza, Ubudagi, mu Buswise mbere no mu Butaliyano.IB 46.4

    Ariko rero ishengero ry’i Roma ryakomeje gushinga ijisho Ubwongereza maze rihava rifata ingingo yo kubugobera ngo bugendere musi y’ukuboko kwaryo. Mu kinjana ca gatandatu, Roma yarungitse abayiserukira gutanguza igikorwa co kumenyesha ivy’Imana abapagani b’aba Saxoni, bari bamaze kugerera mu Bwongereza. Bakiranywe urweze n’abo babarubaru bishira hejuru kandi bashoboye kugobera abantu ibihumbi n’ibihumbi kwakira no kugendera mu kwizera kw’Abaromani. Mu gihe rero igikorwa cabo catera caguka, abarongozi bakorera musi y’ukuboko kwa Papa hamwe n’abayoboke babo, bahavuye bahurirana n’abakristo bo muri ivyo bihe vya mbere. Ubudasa buvuguruzanya bwaciye bwibonekeza hagati yabo. Abo bakrisito bo hambere bari abantu basanzwe, baciye bugufi, bubaka kamere yabo, inyigisho hamwe n'inyifato kuri Bibiliya, mu gihe abayoboke b’ishengero ry’i Roma barangwa no kwemera ibintazi, ukwikakisha hamwe n’akagaye kadasanzwe. Intumwa yaje iserukira ishengero ry’i Roma yahavuye isaba yuko ayo mashengero rukristo yokwemera ko umurongozi w’ishengero i Roma yobagirako ububasha. Naho bari abantu biyoroheje, abo bakristo bo hambere mu Bwongereza bishuye iyo ntumwa bavuga ko bafise icipfuzo co gukunda abatu bose, ariko ko Papa ata muntu yamuhaye ububasha bwo hejuru mw’ishengero; kandi ko badashobora kumwubaha gusumvya uko bokwubaha umuntu wese yizera kandi akurikira Kristo. Ishengero ry’i Roma ryakomeje kugerageza kuraba uko ryogondoza abo bakristo ngo barigamburukire. Abo bakristo mu kwitonda kwabo batangajwe n’ubwibone izo ntumwa za Papa zerekana. Babishuye bashimitse ko ata wundi kizigenza bazi uretse Kristo. Aha rero niho agatimatima k’ubupapa kaciye kiyerekanira. Indongozi yari yaje ivuye i Roma yaravuze iti: “Ni mutaha ikaze bene data babazaniye amahoro, muzohava mwakira abansi babazaniye indwano. Hamwe mutokwifatanya natwe ngo twereke aba Sakisoni inzira yo kubaho, bazohava babaronsa inkoni y’urupfu”.( J. H. Merle D'Aubigne, History of the Reformation of the Sixteenth Century, b. 17, ch. 2.) Ayo yari amajambo adasanzwe y’iterabwoba. Indwano, uburyarya hamwe n’ikinyoma ni vyo vyakoreshwa nk’ikirwanisho co kwankiriza ivyo vyabona vy’ukwizera gushingiye kuri Bibiliya, gushika aho amashengero yo mu Bwongereza yasamburwa canke akagobererwa kwemera kuja musi y’ubutegetsi bwa Papa.IB 47.1

    Mu ntara zitagenzurwa n’ubutegetsi bw’i Roma, hariho imirwi myinshi y’abizera bagumanye umwidegemvyo utigeze utosekazwa n’inyigisho za Papa. Bari kakikujwe n’abapagani kandi uko imyaka yagenda ikurikirana niko n’inyigisho z’abo bapagani zabagirako ubwaku. Ariko bakomeje kubona Bibiliya nk’urufatiro rwonyene rwo kwizera, mbere banakomeza kwitwararika inyigisho ishikiriza. Abo bakristo barizera ko ibwirizwa ry’Imana ryamaho kandi barubahiriza Isabato y’ibwirizwa rya kane. Amashengero yari afise ukwizera nk’ukwo kandi akakugendera yaraboneka no muri Afrika yo hagati, hamwe no muri Arumeniya muri Aziya.IB 47.2

    Ariko rero, mu bantu bahagaze magabo ntibemere guhendwa n’igitinyiro ca Papa, aba Walidensi ni bo bamenyekanye gusumvya abandi. Mu gihugu nyene ubupapa bwari bwashinzwemwo intebe, aho niho ikinyoma n’ububegito vyabwo vyarwanijwe rwose. Mu gihe c’ibinjana bitari bike, amashengero yo mu karere ka Piyemonti yabayeho yigenga; ariko igihe carashitse aho ishengero ry’i Roma ryayasaba gukorera musi y’ukuboko kwaryo. Inyuma y’ukwihagararako gukomeye barwanya iyo ngendo yo gutwaza igikenye ya Roma, abarongozi b’ayo mashengero bahavuye bemera ariko umutima utavyishimiye kuyoboka ubutware bw’ishengero ry’i Roma, ryaboneka ko risigaye ari ryo ryiganje kandi ko ryemerwa n’isi yose. Ariko rero hariho amashengero amwe amwe yanse burundu ko umurongozi w’ishengero i Roma abagirako ububasha. Bari bahisemwo kubandanya bubaha Imana yonyene no kugumana ukwizera kudahumanijwe n’ikintu na kimwe kandi kworoshe. Ico rero catumye ayo mashengero yitandukanya n’ishengero ry’i Roma. Abagumye bagumbiriye ukwo kwizera kwa kera barakuye meza, bamwe basubira iyo bari baje bava mu misozi Alupina maze badugirizayo idarapo rishingira intahe ukuri, mu ntara batari bwakumenye. Abandi nabo baronse ubugerero mu masenga y’amabuye no mu mpatane z’imisozi, ahantu hinyegeje, aho bagumanye umwidegemvyo wo gusenga Imana yabo.IB 48.1

    Ukwizera abakristo b’aba Walidensi bagumanye kandi bigishije kwari gutandukanye rwose n’inyigisho z’ibinyoma zashirwa imbere n’ishengero ry’i Roma. Ivyo bizera vyari bifise umushinge mu vyanditswe vyera vy’Imana, vyo hangiro ry’ukuri ry’ubukristo. Ariko rero, abo banyagihugu basanzwe bari baragereye mu bibanza vyinyegeje, baritaruye, bigirwa kure y’imico isi imenyereye maze bitwararika amatungo hamwe n’indimiro zabo; si bo ubwabo bishikanye ku kuri kwagaragara ko gutandukanye n’inyigisho ntabanduka hamwe n’ibinyoma vy’ishengero ryitandukanije n’ukuri. Ukwizera bari bafise ntibari bakuronse ako kanya nyene. Ukwizera kwabo mu bijanye n’ukwemera Imana bari barakurazwe n’abababoneye izuba. Bari barajwe ishinga no kugumana akanovera k’ukwizera kwaranze ishengero ry’intumwa - “ukwizera abera bahawe rimwe gusa”. (Yuda 3) “Ishengero mu bugaragwa” ryari ritandukanye n’urwego rwishize hejuru, rutsimbataye mu murwa mukuru kuri iyi si. Iryo ni ryo ryari ishengero ry’ukuri rya Kristo, ni ryo ryahawe gucungera ubutunzi bw’ukuri Imana yahaye abantu bayo ngo bagushikane kw’isi yose.IB 48.2

    Imwe mu mpamvu nyamukuru zatumye ishengero ry’ukuri ryitandukanya na Roma ni urwanko ishengero ry’i Roma ryanka urunuka Isabato Bibiliya yigisha. Nk’uko vyari vyarahanuwe, ubutegetsi bwa Papa bwarahonyanze ukuri. Ibwirizwa ry’Imana ryavumbagajwe mw’ivu mu gihe imigenzo n’imico y’abantu ari vyo vyashizwe hejuru. Amashengero yakorera musi y’uburongozi bw’ubupapa yasabwe, hakiri kare, kwubahiriza umusi w’iyinga nk’umusi wera. Kubera gukikuzwa n’amakosa hamwe n’ukwemera ibintazi, benshi mu bwoko bw’Imana bw’ukuri bari barataye umutwe ku buryo n’ubwo bubahiriza Isabato, banirinda kugira ico bakoze kw’iyinga. Ariko rero, ibi ntivyashimishije abarongozi b’ubupapa. Barasavye ko umusi w’iyinga wokwubahirizwa, hanyuma umusi w’lsabato ugahonyangwa; kandi bakoresheje amajambo akomeye biyamiriza uwo wese yohirahira akaruhuka Isabato. Uburyo bwonyene bwari busigaye ku muntu bwo kuba yokwubahiriza ibwirizwa ry’Imana mu mutekano kwari ukwigira kure ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma.IB 48.3

    Aba Walidensi babaye abantu ba mbere mu moko y’i Buraya baronse Bibiliya ihinduwe mu rurimi bumva. Imyaka amajana imbere y’Ubugorozi, bari bafise Bibiliya yanditse mu rurimi rwabo kavukire. Bari bafise ukuri kutaratosekara kandi iki nico catumye basobanurwa mu bandi baratotezwa kandi barahamwa. Bashinga intahe bavuga ko ishengero ry’i Roma ryayovye ari ryo Babuloni ivugwa mu Vyahishuriwe Yohana. Hamwe n’ivyo barahagaze bahangana n’inyigisho zaryo badatinya ngo ubuzima bwabo bwohava bubangamirwa. Kubera akagobero k’agahamo k’umwanya muremure, bamwe muri bo, buhoro buhoro, baradohotse ku kwizera kwabo maze bisunga inyigisho ngenderwako z’i Roma; ariko abandi bakomeje banangiriye ku kuri. Mu bihe vy’umwiza n’ubuhakanyi, harabayeho aba Walidensi batemera ukwishira hejuru kw’ubupapa; babona ugusenga igishusho ko ari ubupagani: ntibavyemera, kandi bubahiriza Isabato. Bagumije ukwemera kwabo mu bihe vy’igihuhusi gikomeye co kubarwanya. Nubwo abatware b’akarere k’i Savoya babahigisha inkota kandi bakaba bari bageramiwe n’igihano c’uko Roma yobicisha kubaturira, ntibadohotse ku guhagararira ijambo ry’Imana no kuyihesha icubahiro.IB 49.1

    Mu bwigobeko bw’imisozi ihanamye - ubuhungiro bw’ibihe vyose ku batotezwa n'abahamwa - aba Walidensi ni ho baronse ikibanza aho gukika umusaya. Aha ni ho umuco w’ukuri wakomeje gukayanganira hagati y’umwiza w’umuzitanya w’ico gihe. Aha niho mu kiringo c’imyaka igihumbi, abashingira intahe ukuri batahengeshanije guhagararira ukwemera kwo hambere.IB 49.2

    Imana yari yarategekanirije abantu bayo ihema rihambaye, riberanye n’ukuri gukomeye bari barahawe. Kuri abo bizigirwa bomowe mu gihugu cabo, imisozi, yari ikimenyetso c’ubutungane bwa Yehova. Mu kwereka abana babo ubwiza buteye igomwe, bwamaho, bugizwe n’imitumba miremire ibahanamiye, baboneraho akaryo ko kubabwira ivy’Imana, “Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitutu gitewe n'uguhindagurika”, ijambo ryiwe ritagira iherezo nk’imitumba yamaho. Imana yashimangiye imisozi irayikomantaza; nta kundi kuboko uretse ukw’uwufise ubushobozi butagira aho bugarukira, kwoyimura mu bibanza irimwo. Ni muri ubwo buryo nyene yashizeho amabwirizwa yayo, umushinge ntayegayezwa w’ubutware bwayo kw’isi hamwe no mw’ijuru. Ukuboko kw’umuntu gushobora gushikira abandi bantu kukabankiririza ubuzima; ariko ntivyogushobokera na gato ko kworandura imisozi ku mishinge iteretseko ngo kuyitembagarize mu kiyaga. Uko ni ko kutonashobora kugira icagezwe na kimwe kwohindura mu mabwirizwa ya Yehova canke ngo guhanagure amasezerano yayo ifitiye abo bose bakora ivyo igomba. Mu kugamburukira amabwirizwa y’Imana, abasuku bayo barakwiriye gushinga imizi, bagahagarara bashikamye nk’urutarae canke imisozi idahinduka.IB 49.3

    Imisozi ikikuje kandi ihanamiye amasoko yayo cari ikimenyetso camaho cerekana ubushobozi Imana ifise bwo kurema hamwe n’uburinzi bwayo butigera butirigana. Izo ngenzi zahavuye zimenyera gushimishwa n’ibimenyetso vyihoreye, vyerekana uguhangama kwa Yehova. Kuba baciye mu bihe bigoye ntivyabatera kwidoga; ntabwo bigera biyumva ko ari bonyene hagati y’iyo misozi yo mu gahinga ka nyaganande. Bama bashima Imana yari yabahaye aho bikinga uburake n’ubugizi bwa nabi bw’abantu. Banezerezwa no kubona bafise umwidegemvyo wo gusenga uwabaremye. Kenshi basugerejwe n’abansi babo, imisozi baba binyegejemwo yababera igihome ntamenwa kibakingira. Mu mpatane z’imisozi hatoroshe gushikwa baraharirimbira indirimbo zo gushima Imana, kandi igisoda c’i Roma nta kuntu cari gushobora kubabuza gutera izo ndirimbo z’amashimwe.IB 49.4

    Abakurikiye Kristo barangwa n’ukwemera kutagira akarohe, kutihayagiza kandi kutagira uburyarya. Baha agaciro gahambaye ingingo nshimikiro z’ukuri bakazirutisha amazu n’amatongo, abagenzi, abavyeyi; mbere n’ubuzima bwabo. Baronderana ubwira kubona imitima y’abakiri bato muri bo yisunga izo ngingo shimikiro z’ukuri. Kuva hakiri kare mu bwana bwabo, abakiri bato barigishwa ivyanditswe kandi bagatozwa indero yo kwubahiriza amabwirizwa y’Imana kuko ari meranda. Igitabo ca Bibiliya nticaboneka kenshi, nta n’ubwo caboneka hose; nico gituma amajambo yaco yazirikanwa ku buryo buhambaye, agafatwa ku mutwe. Abantu benshi barafata ku mutwe kandi bakama basubiyemwo ibice bitari bito biboneka mw'Isezerano rya kera no mw’Isezerano risha. Ivyiyumviro biboneka mu majambo y’Imana vyaragereranywa ku buryo buringaniye n’ivyo Imana yaremye tubonesha amaso yacu hirya no hino y’aho tubaye, hamwe n’imigisha yihoreye yo mu buzima bwo ku musi ku musi. Abana bato barigishwa gutumbereza amaso yabo ku Mana bashima ko ari yo soko y’ubuntu bwose hamwe n’ivyo bafise.IB 50.1

    Abavyeyi barerekana impuhwe n’igishika bafitiye abana babo. Barabakunda bakabacisha ubwenge kugira ngo ntibabe inderamaboko mu buzima. Bari barindiriwe, imbere yabo, n’ubuzima butoroshe, burimwo inzitizi mbere burimwo no kwicwa ka bumaratiri. Kuva bakiri abana bato, barabigisha kwihanganira amagume; tewemera kurongorwa ariko ntibibabuze kwiyumvira canke kugira ico bakoze ku giti cabo. Barabamenyereza gushingwa amabanga bakiri bato, kumenya kuroranya amajambo yo gushikiriza hamwe no gutahura yuko rimwe na rimwe kunuma ari ikintu c’ubwenge. Ijambo rimwe gusa ritagumijwe nk’ibanga maze rigakorokera mu gutwi kw’abansi, ntiryari gutuma gusa ubuzima bw'uwarivuze bubangamirwa, ahubwo ubuzima bw’abavukanyi amajana ni bwo bwaba bugeramiwe; kuko nk’uko imfyisi zishonje zihiga ivyo zirya, ni nako abansi b'ukuri bakurikirana abo babona biteguye guharanira ukwidegemvya mu kwemera kwabo.IB 50.2

    Aba Walidensi bari barahevye ubutunzi bari bafise mw’isi kugira ngo bamenye ukuri. Kandi ata kudebukirwa, barihangana, bakarima kugira ngo baronke ivyo gufungura. Agace kose k’isi ndimwa kaboneka muri iyo misozi, karatunganywa, kugira ngo kimbuke vyinshi. Imyonga hamwe n’imitumba itamera cane nayo yararinganizwa kugira yimbuke vyinshi. Ukuziganya hamwe n’ukudashira imbere inyungu z’umuntu ku giti ciwe, vyari mu bintu bigisha abana babo maze nabo bakavyakira nk’uko ariwo murage wonyene abavyeyi bazobasigira. Barabigisha ko Imana yatanze ubuzima kugira ngo tuburonkeremwo indero; kandi ko ivyo bipfuza bazobishikako gusa mu gihe bakuye amaboko mu mpuzu, bakiga ivya kera, bakagira umwitwarariko kandi bakizera. Ubwo buryo bwari buruhije ariko bwari bubereye ku muntu yaguye kubera icaha; ryari ishure Imana yashizeho kugira ngo umuntu ahigire ubumenyi hamwe n’iterembere. Mu gihe urwaruka barwigisha gukora hamwe no kudasesagura, ntibasiga inyuma ivyo kubakarihiriza ubwenge. Barabigisha yuko ibigize ubushobozi bwabo vyose ari vy’Imana; kandi ko vyose bikwiriye gutunganywa no gutezwa imbere ku neza y’igikorwa cayo.IB 50.3

    Amashengero y’Abawalidensi kubwo kwiyeza no kuba yoroheje yari afitaniye isano n’ayo mu gihe c’i ntumwa. Ntiyemera ko papa n’abasaseredoti boyagirako ububasha; Bibiliya yonyene niyo yari umurongozi wabo mukuru, umutware atihenda. Abungere b’ayo mashengero bari batandukanye n'abapatiri b’i Roma bishira hejuru kuko bakurikiza akarorero k’Umwigisha mukuru yavuze ko “Ataje gukorerwa ariko yaje gukorera abandi”. Baragira ubwoko bw’Imana babutumbereza ku bwatsi butotahaye no ku masoko adakama y’ijambo ry’Imana ryayo ryeranda. Amakoraniro yabo ntiyarangwamwo ubwibone canke ukwishira hejuru kw'abantu; ntiyabera mu nsengero z’akaroruhore canke mu ma Cathedrale manini manini; ariko bakoranira mu gatutu canke mu myonga y’imisozi Alpina; canke, mu gihe c’umutekano muke, mu masenga ntamenwa y’amabuye, maze bakumviriza amajambo y’ukuri bashikirizwa n’abasuku ba Kristo. Abungere ntibamamaza gusa inkuru nziza, ahubwo baragendera n’abarwaye; bagatoza indero abana; bagahanura abasaragurika kandi bagakora uko bashoboye kugira ngo bakure impari mu bantu kandi batsimbataze umwumvikano hamwe n’urukundo kivandimwe. Mu gihe c’amahoro, abo bungere bashigikirwa n’amashikanwa atanzwe n’abizera ata gahato; ariko nk’uko Paulo yubaka amahema, umwe wese yarimenyereza igikorwa canke umwuga yorangura, hamwe vyoba bikenewe, kugira ngo aronke ivyomutunga.IB 51.1

    Abapasitori baratoza indero urwaruka. Kandi naho bitwararika kubigisha ivyigwa baronkeramwo ubumenyi rusangi, Bibiliya niyo yari igize icigwa kiza imbere y’ibindi. Inkuru nziza nk'uko yanditswe na Matayo, hamwe na Yohana, hamwe mbere n’ayandi makete menshi, babifata ku mutwe. Baranabakoresha mu gukoporora Ivyanditswe vyera. Hari aho wasanga bakoporoye Bibiliya yose, ahandi naho ugasanga batoranije ibisomwa bimwe bimwe akaba ari vyo bakoporora; hari naho wasanga insiguro zitagoranye zongewe ku gisomwa n'abo bashobora gukwiragiza Ivyanditswe. Uko niko ubutunzi bw’ukuri bwari bwaranigiwe mu menshi n’abarondera kwishira bo ubwabo hejuru y’Imana, bwaja ahabona, bukagaragara.IB 51.2

    Kubwo ukwihangana, gukora bashizeko umwete mbere rimwe na rimwe bakorera ahantu hatoroshe, mu masenga ahantu harangwa umwiza bategerezwa kurondera ikimuri kugira bagire ico bakora, Ivyanditswe vyera barabikoporoye umurongo ku murongo, igice inyuma y’ikindi. Muri ubwo buryo igikorwa carateye imbere, ubugombe bw’Imana bwaragaragariye abantu nk’izahabu yakuweko inkamba. Ico gikorwa carushirijeho gutsimbatara, kiratahurika, mbere kiba igihambaye gusumba kubera ibihe bitoroshe abakiranguye baciyemwo ata kindi bashira imbere uretse kugitunganya. Abamarayika bo mw’ijuru bama bakikuje abo bakozi b’abizigirwa.IB 51.3

    Satani yari yashize igitsure ku bapatiri n’abasaseridoti bayoboka Papa ngo ijambo ry’ukuri barirenzeko ivu ry'amakosa, inyigisho z’ibinyoma hamwe n’ibintazi; ariko mu buryo busiga ubwenge iryo jambo ryarakingiwe muri ico kiringo cose c’umwiza. Ntiryigeze rishirwako ikidodo c'umuntu, ariko ryagumanye ikimenyetso c'Imana. Abantu baragerageje uko bashoboye kugira ngo insiguro inengesereye kandi yoroshe y’lvyanditswe ntishobore kwumvikana; baragerageje ukuntu Ivyanditswe vyokwivuguruza ku gishingantahe bihagarariye; ariko nk’uko ubwato bwa Nowa bwareremvye hejuru y'imanga yuzuye amazi, ijambo ry’Imana ryarahanganye n’imikuba yari iribangamiye irondera kurizimanganya. Nk’uko usanga ubutare bufise imiyoboro y’izahabu n’ifeza binyegeje musi mw’isi, kugira ngo abo bose bipfuza gushikira aho bwirundanirije babanze kwimba ivu ributwikiriye, ni nako bimeze ku Vyanditswe vyera; bifise ubutunzi bw’ukuri bunyegururwa gusa n’ababuronderana umwete, baciye bugufi kandi basenga. Imana yatunganije Bibiliya ngo ibe igitabo gitanga inyigisho ku bantu bose, ku bakiri bato, ku misore, no ku bahumuye; kandi ngo bame bayisoma, biga, ibihe vyose. Imana yihishuriye mw’ijambo ryayo maze iraheza iriha abantu. Ukuri kwose gushasha umuntu yungutse aba ari ihishurwa rishasha rya kamere y’uwo ukuri gukomokako. Ukwiga Ivyanditswe ni kwo buryo Imana yashizeho kugira ngo umuntu ashobore gushikirana ku buryo bwo hafi n’uwo muremyi kandi agire ubumenyi buhagije ku vyo ubugombe bwayo. Nibwo buryo butuma habaho itumatumanako hagati y’Imana n’umuntu.IB 51.4

    N’aho aba Walidensi batahura yuko ukwubaha Uhoraho ariyo ntango y’ubwenge; ntibari bayobewe ko kugirirana imigenderanire n’isi, kumenyana n’abantu no gukurikirana ivyo ubuzima bwa misi yose, navyo nyene, bihambaye kuko bifasha kunagura ubwenge no kworoherwa mu ndabo no mu vyiyumviro. Bamwe mu bakiri bato baba bahejeje amashure yabo ari muri iyo misozi bararungikwa mu bigo vy’amashure biri mu bisagara, mu Bufaransa hamwe no mu Butaliyano; aho hari nk’umurima wagutse ubereye gutangirwamwo inyigisho, gushikana ivyiyumviro kure no kugendereza ibintu gusumba uko vyakorwa ugereranije n'aho bari barakuriye mu misozi ya Alpina. Urwo rwaruka rwaba rwarungitswe kwiga hanze rwarahura n’ibigeragezo; rwarabona amabi akorwa; rwarahura n’abakozi ba Satani baruremeresha ubuhakanyi bw’Umubi n’ibinyoma vyiwe biteye ubwoba. Ariko indero baba barahawe bakiri bato yatuma bubaka kamere ituma bahangana n’ibibazo nk’ivyo.IB 52.1

    Mu mashure baba bagiyemwo, basabwa ko ata muntu n’umwe bagira somambike. Impuzu zabo zaba ziteguwe ku buryo zibikwamwo ubutunzi buhambaye - inzandiko z’agaciro z’lvyanditswe vyera. Izo nzandiko bagendana baba bazishitseko inyuma y’igikorwa kitoroshe caba cabatwaye amezi n’imyaka. Aho hose bashobora kubikora mw’ibanga, baraziha abantu batiyerekanye, mu gihe bano baba bafise imitima yipfuza kandi yiteguye kwakira ukuri. Kuva bakiri ku bibero vy’abavyeyi babo, abana b’aba Walidensi baronswa indero hisunzwe iyo ntumbero. Baratahura igikorwa bajejwe kandi bakakirangurana ubwizigirwa. Mu mashure bigamwo hatanguye kuboneka ukwemera nyakwo; buhoro buhoro, wasanga ingingo nshimikiro z’ukwo kwemera zigenda zishinga imizi muri ivyo bigo. Ntabwo rero abarongozi b’ubu papa bashobora, naho bagira itohoza ku buryo bunonosoye gute, kumenya abazana “uwo muco” bo bita “inyigisho z’ibinyoma zo ku muzi”.IB 52.2

    Umuntu afise Mpwemu wa Kristo arazwa ishinga no kumenyesha abandi ivy’uwo yamugiriye neza. Umwitwarariko wa mbere w’umuntu yamaze guhinduka mu mutima wiwe ni ukazana nawe abandi kuri Yesu. Ico ni co caranga aba Walidensi bari bemeye Kristo. Bariyumvamwo ko Imana ibasaba vyinshi gusumba guhagararira ukuri ngo ntiguhumane mu mashengero yabo; ko bari bafise ibanga rihambaye ryo kubera umuco abandi bakiri mu mwiza. Ku bwo ubushobozi buhambaye bw’ijambo ry’Imana barondera gukuraho ubuja ishengero ry’i Roma ryari ryasasiye indaro. Abungere b’aba Walidensi baramenyerezwa igikorwa c’abavugabutumwa. Uwo wese yitega kwinjira mu mabanga y’ubwungere yasabwa imbere ya vyose kubanza kwimenyereza nk’umuvugabutumwa. Umuntu wese yabanza agakora igihe kingana n’imyaka itatu mu karere runaka k’ivugabutumwa imbere yuko ashingwa amabanga yo kurongora ishengero mu ntara yavukiyemwo. Iki gikorwa n’ubwo casaba akigoro n’ukwitanga bidasanzwe cari kibereye kugira ngo umuntu amenyerezwe ubuzima bwo kuba umwungere muri ivyo bihe, ubuzima bwacisha umuntu mu biringo bigoye. Imikangara yatirwa mu mabanga y’ubwungere ntiyabona imbere yayo ubutunzi bw’isi n’ivyubahiro, ahubwo yabona ubuzima bugoye kandi bubangamiwe; mbere yarashika naho ibona ko ata kindi kiyirindiriye uretse kugirwa umumaratiri. Aba bavugabutumwa basohoka babiri babiri nk’uko Yesu yigeze kurungika abigishwa biwe. Umuntu wese akiri muto yasohokana n’umuntu ahumuye, amaze kubona ibitari bike; uwo musore yabari musi y’uburongozi bw’uwo muhumure, ni nawe bazeza inyigisho ziwe. Nubwo batama bari hamwe imisi yose, ariko kenshi na kenshi barabonana, bagasengera hamwe kandi bagasangira impanuro, bakaremeshanya mu kwizera.IB 52.3

    Kumenyesha igikorwa bari bajejwe ingene kimeze imbere y’igihe vyari gushobora gutuma kitarangurwa neza; rero vyabaye nkenerwa ko akaranga kaco gakingirwa. Umukozi wese yari afise ubumenyi bw’ikindi kintu yakora canke umwuga, kandi abo bavugabutumwa barangura amabanga yabo bitwikirije igikorwa co mu buzima bwa misi yose barangura ku mugaragaro. Kenshi baroroherwa no kudandaza, bakagendagenda hirya no hino bafise ibicuruzwa bajanye. “Baragurisha inyerere, ubudede hamwe n’ibindi bicuruzwa bitari vyoroshe kuronka muri ico gihe kiretse ubanje kuja kubirangura mu bisagara vya kure. Ikindi kandi barakiranwa igishika nk’abanyevyashara aho kumbure batari guhabwa ikaze nk’abavugabutumwa”.( Wylie, b.l, ch.7). Ivyo vyose babikora imitima yabo itumberejwe ku Mana ngo ironswe ubukerebutsi bw’ukuntu boshikiriza ubutunzi buhambaye gusumvya izahabu canke imaragarita. Wasanga bibangikanya Bibiliya bakoporoye yose canke ibice bimwe bimwe vyayo; maze iyo vyashika bakaronka akaryo ko kugira ico bavuga, baca baremesha ikiyago n’abo baba bashiriye ibicuruzwa. Kenshi ivyo vyatuma banagura agatima ko kwijukira gusoma ijambo ry’Imana, mbere wasanga ibisomwa bimwe bimwe babisigiye ababa bavyipfuza.IB 53.1

    Igikorwa c’abo bavugabutmwa catanguriye mu biyaya hamwe no mu bigobe vy’imisozi babamwo, ariko carateye imbere gishika kure. Nubwo bagenda amaguru masa, kandi bambaye mu buryo busanzwe, akuya kabarenze nk’uko vyashikira umwigisha wabo; bararengana ibisagara binini bagashika no mu ntara za kure mu gihugu hagati. Aho baca hose bagenda bahateragira iyo mbuto y’agaciro. Amashengero yarashinzwe mu bibanza baciyemwo maze amaraso y’abamaratiri arushirizaho gushingira intahe ukuri. Umusi uhambaye w’Imana niwo uzoshira ahagaragara umwimbu unengesereye w’imitima yarokotse kubwo akigoro k’abo bakozi b’abizigirwa. Ritarinze kwugururwa kandi mu gacerere, ijambo ry’Imana ryariko riratsimbataza ubukristo kandi ryakiranwa akanyamuneza mu ngo no mu mitima y’abantu.IB 53.2

    Aba Walidensi ntibafata gusa Ivyanditswe nk’inkuru zerekana imibano y’Imana n’abantu muri kahise, hamwe n’ihishurwa ry’amabanga n’ibikorwa vyo muri kubu; hamwe n’ivyo Ivyanditswe vyarabahishurira ibihe bigoye hamwe n’ivyubahiro vyo muri kazoza. Barizera ko iherezo ry’ibintu vyose ritari kure kandi uko barushirizaho kwiga Bibiliya, basenga kandi baririra Imana, niko bagenda batahuzwa amajambo y’agaciro ishikiriza maze bakumva barushirijeho kugobererwa kumenyesha abandi ukwo kuri gukiza. Barabonye ukuntu umugambi w’agakiza uhishuwe ku buryo bugaragara mu Vyanditswe vyera, maze baraharonkera indemesho, ivyizigiro n’amahoro mu kwizera Yesu. Uko umuco warushirizaho kubamurikira bagatahura maze imitima yabo ikarangwa n’akamwemwe, baca bumva nabo bagoberewe gusangira ivyo vyiza n’abo bose bari bagitwikiriwe n’umwiza w’inyigisho zitari iz’ukuri z’ubupapa.IB 53.3

    Barabonye ko Papa n’abasaseredoti biwe bari baranigiye mu menshi abantu isinzi, bagerageza ariko bidashoboka gusaba ikigongwe babicishije mu kwibabaza imibiri kubera ivyaha vy’imishaha yabo. Kubera ko bari barigishijwe ko ibikorwa vyiza vyabo vyotuma baronka agakiza, wasanga amaso yabo bayitumberezako, ubwenge bwabo bukama bwiyumvira ubuzima bw’icaha bagendeyemwo; bakabona k’uburake bw’Imana bubarindiriye, maze umutima n'umubiri wabo bikabura amahoro, ntivyigere bigira agahengwe. Uko niko abantu benshi b’incabwenge baboshwe n’inyigisho z’ishengero ry’i Roma. Abantu ibihumbi barahevye abagenzi n’imiryango maze baja kumara ubuzima bwabo bari mu bigo vy’abihebeye Imana. Mu kwama bisonzesheje kenshi kandi bagatoteza umubiri wabo, mu kuvyuka hagati mu gicugu gusoma ibitabo, mu gukubita inkoro ku mabuye ashashe hasi kandi yaguweko n’igikonyozi amasaha atari make, mu gutunganya ingendo zo kuja kure, mu kwicunaguza hamwe no mu kwibabaza; abantu ibihumbi bagerageje kurondera amahoro y’umutima ariko biba ivy’ubusa. Kubwo kuremererwa n’umutima ubagiriza icaha no guhirwa n’ubwoba bwo gushikwako n’uburake bw’Imana; benshi babayeho mu mubabaro ntangere, gushika aho umubiri wabo utaba ucihangana, maze kubwo kubura umushwarara n’umwe w’umuco n’ivyizigiro, bamanuka i kuzimu.IB 54.1

    Aba Walidensi bumva barajwe ishinga no kugaburira umukate w’ubuzima iyo mitima ishonje, kubashikanako ubutumwa bw’amahoro buri mu masezerano y’Imana no kubereka Kristo we wenyene vyizigiro vy’agakiza kabo. Inyigisho bashira imbere yuko ibikorwa vyiza bishobora kuba impongano y’ivyaha vyabo imbere y’amategeko y’Imana basanze yubakiye ku kinyoma. Kwizigira ko umuntu hari ico yokora coshim wa n’Imana kwari ukwaka agaciro urukundo rutangaje Yesu yerekanye mu kuza kudupfira. Urupfu rwa Yesu rwabaye ikimazi gitangiwe abantu kuko nta kintu na kimwe kiriho ubwoko bwacumuye bwokora kugira ngo bushobore kwemerwa n’lmana. Ivyasabwa kugira ngo dukire vyarabonetse kubwo ukubambwa, ugupfa, uguhambwa hamwe no kuzuka kw’Umukiza: ivyo ni vyo mushinge w’ukwizera rukristo. Kuri Yesu niho honyene imitima yacu ikwiriye kwishimikiza; kandi dutegerezwa kugirana nawe imishikirano ya hafi cane nk’uko amababi afatanye n’amashami canke amashami ashamitse ku muzabibu.IB 54.2

    Kubwo inyigisho abantu baronswa n’ubupapa hamwe n’abasaseredoti, bari bahavuye babona ko Imana mbere na Yesu Kristo ko bagoye, ko batwikiriwe n’umwiza, ko badashikirwa. Kubw’iyo nyigisho, umukiza yabonwa nka ruburakingongwe ku bantu baguye mu caha, ku buryo vyari nkenerwa guca ku bapatiri n’aberanda kugira ngo bamubashikirire. Abari bafise imitima imaze kumurikirwa n’ijambo ry’Imana bumva bagoberewe no gutumbereza abo bantu kuri Yesu Kristo umunyampuhwe, abakunda, ahagaze abateze ibiganza, abararika kuza kuri we biremetse imitwaro yabo ibaremereye y’ivyaha, umwitwarariko hamwe n’ ubwoba bwabo. Bari barajwe ishinga no gukura inzitizi Satani yatangirije abantu ngo ntibabone amasezerano maze ngo baze batumbereye ku Mana, bature ivyaha vyabo kugira ngo baronswe imbabazi n’amahoro.IB 54.3

    N’ishaka ryinshi, abo bavugabutumwa b’aba Walidensi barashikana ku muntu yipfuza kumenya, ukuri kw’agaciro kw’ubutumwa bwiza. Mu bwitonzi ntangere baragwiza inzandiko z’lvyanditswe Vyera bakoporoye. Bakirana umunezero mwinshi kuremesha ivyizigiro ku mitima yabona ko iboshwe n’ivyaha kandi irindiranye ubwoba ko Imana yihora mu kuyicirako iteka. Iminwa yabo iriko irajugumira kandi n’amaso yabo atekewe n’ubwoba; kenshi bari ku bipfukamiro, barasangira n’abandi bene data amasezerano y’agaciro ashira ahabona ivyizigiro vyonyene umunyavyaha afise. Uko niko umuco w’ukuri winjiye kenshi mu bwenge bwari bwariziziwe n’umwiza maze ukeyura igipfungu c’umuzitanya gushika aho izuba ry’ubugororotsi ryarasira mu mutima rikawuzanamwo imishwarara y’agakiza. Vyarashika kenshi ibice bimwe vy’ivyanditswe bakabisoma bisubiriza nk’uko uwaba ariko aravyumviriza yaba avyipfuza, kuko wasanga ashaka kumenya neza nimba ivyo bariko baramusomera ari vyo ariko yumviriza. Na cane cane amajambo bama bipfuje ko bobasubiriramwo yari aya: “Amaraso ya Yesu umwana wayo atwoza icaha cose”. (1 Yohana 1:7) “Kand’uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa, ng’umwizera wese ahabwe ubugingo budashira”. (Yohana 3:14, 15)IB 55.1

    Abantu benshi ntibazimijwe n’ivyo ishengero ry’i Roma ryashira imbere. Baratahuye yuko kwiyumvira ko umuntu canke abamarayika bovugira umunyavyaha ata shingiro bifise. Aho umuco w’ukuri watutuza mu bwenge bwabo bavuganye umunezero aya majambo bati: “Kristo ni we muherezi wanje; amaraso yiwe ni co kimazi canje; ku ruhimbi rwiwe niho naturira ivyaha vyanje”. Bo ubwabo bifata nk’aberanda kubwo ikimazi ca Kristo mu kwama basubiyemwo aya majambo bati: “Kandi utizera ntibishoboka ko ayihimbara” (Abaheburayo 11:6) “Nta rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo”.(Ivyakozwe n’Intumwa 4:12)IB 55.2

    Gutahura urukundo rw’Umukiza bakarwiyumvamwo nticari ikintu coroshe kuri iyo mitima yari yaraciweko n’igihuhusi c’ingorane. Inkuru nziza y’urwo rukundo rwa Kristo yarabatezuriye umutwaro wan ubaremereye maze ibagirako ubwaku nk’uko woba ari umwuzurira w’umuco ubarasiye, ku buryo vyaboneka ko bareruwe bajanwe mw’ijuru. Amaboko yabo bari bayashize mu biganza vya Yesu, nayo amaguru yabo bari bayahonyoje ku gitandara c’ibihe vyose. Urupfu ntirwari rukibateye ubwoba. Ntibari bagitinya kuba bohangana n’umunyororo canke ukwicwa bamanitswe ku biti kandi baturiwe, igihe yari kuba ari yo nzira ihesha icubahiro izina ry’Umucunguzi wabo.IB 55.3

    Ijambo ry’Imana ryarashirwa ahagaragara kandi rigasomerwa mu bibanza vyiherereye. Rimwe na rimwe barisomera umuntu umwe rudende, canke bakarisomera umurwi muto w’abantu baba barajwe ishinga no kwakira umuco w’ukuri. Barakesha ijoro kenshi bariko bakora igikorwa nk’ico. Vyaba ari ibintu bihambaye kubona abariko bumviriza igisomwa ingene batangara, bakanashima yuko uwuriko arashikiriza igisomwa yoza aracishamwo agahagarika, kugira ngo bumve ko batahuye neza inkuru y’agakiza. Kenshi na kenshi aba bariko barakurikirana igisomwa baritangaza bavuga bati: ” Imana izokwemera vy’ukuri ishikanwa ryanje? Ubwo izondaba ryiza, intwengere? Izombabarira? Inyishu kuri ivyo bibazo barayibasomera:“Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe ndabaruhura.” (Matayo 11:28)IB 55.4

    Kubwo ukwizera, ababa bariko barumviriza igisomwa barashima amasezerano arimwo, bakayakira, maze bakavugana umunezero aya majambo: “Nta ngendo zirezire nzosubira gufata; sizongera kwibabaza ngenda kuraba ibibanza vy’aberanda. Uko ndi nshobora kuza kuri Kristo, nanduye kandi mpumanye; kandi ntazokwigera yanka gutega amatwi isengesho ry’umunyavyaha ariko yicuza. Azombwira ati ivyaha vyawe urabihariwe. Ivyaha vyanje, ego, ivyanje, birashobora kubabarirwa”.IB 56.1

    Umunezero utagira agahonzi waruzura imitima maze izina rya Yesu rigahabwa icubahiro kubwo amashimwe no gutazira. Abo bantu bafise imitima inezerewe basubira mu ngo zabo maze bagakwiragiza umuco, bagakora uko bashoboye bakabwira abandi ivyabashikiye, ko babonye inzira nyayo y’ukuri. Ryari ijwi ry’Imana kandi abaryumva bose ryarabamara amakenga.IB 56.2

    Izo ntumwa z’ukuri zarabandanya urugendo rwazo. Ariko abantu ntibabura gutangazwa n’inyifato yazo yo guca bugufi, kuvugisha ukuri, kwerekana ishaka ryinshi hamwe no kugira umwete atari uwo ukurenzako. Barabatangarira cane kenshi ku buryo wasanga bibagiye kubabaza iyo baje bava canke iyo bariko berekeza. Bararengerwa no kuba bubaye ubwa mbere babona abantu nk’abo; bararengerwa n’amashimwe hamwe n’umunezero ku buryo wasanga batagize iciyumviro co kugira ico bababaza. Babagobereye ngo bajane i muhira aho babaye, baca bishura ko bategerezwa kugendera intama z’ubusho zazimiye. Wasanga rero bibaza bati kumbure boba ari abamarayika bavuye mw’ijuru.IB 56.3

    Mu bihe bitandukanye, iyo ntumwa y’umuco ntiwongera kuyikubita ijisho. Yaba yagiye kugendera utundi turere, canke naho ugasanga afungiwe ahantu hatamenyekana; canke mbere ugasanga amagufa yiwe yarabuze uwoyegerenya mu kibanza yagandaguriwemwo ariko ashingira intahe ukuri. Ariko rero amajambo yaba asize avuze ntawashobora kuyasenya. Ayo majambo yabandanya kurangura igikorwa cayo mu mitima y’abantu; imbuto zihezagiye ayo majambo yamye, zizoshirwa ahagaragara uko zingana zose mu gihe c’amateka.IB 56.4

    Ukwo kuvuga ubutumwa kw’aba Walidensi kwatumye bashinga ibirindiro mu bwami bwa Satani; kubw’ivyo, ubushobozi bw’umwiza bwaciye buhaguruka burirwanirira ku buryo buteye ubwoba. Akigoro kose kakorwa kugira ukuri gutere intambwe kuja imbere kagenzurirwa hafi n’umuganwa w’ikibi maze agaca yongereza ubwoba ku bakozi biwe. Abarongozi b’ubupapa babonye ko igikorwa c’izi ntumwa z’ukuri zigendagenda hirya no hino kibangamiye rwose inyigisho bari baratsimbataje mu bantu. Nimba umuco w’ukuri wan urekuriwe gukayangana ata kiwuzibiye, wan guhava weyura igicu kiremereye c’ikinyoma cari gitwikiriye abantu. Uwo muco wari gutumbereza ivyiyumviro vy’abantu ku Mana yonyene maze bigatuma ubutware bw’ikirenga bw’i Roma busenyuka.IB 56.5

    Ukubaho kw’aba bantu bari bumiye ku kwizera kw’ishengero ryo hambere cari igishingantahe camaho cerekana ubuzimire bw’ishengero ry’i Roma; ico nico cabakururiye urwanko rw’umururazi hamwe no guhamwa. Kubona banka kuvirira Ivyanditswe; ishengero ry’i Roma ryabifata nk’igitutsi ridashobora kwihanganira. Ryaciye ryigira umugambi wo kubatsiratsiza kw’isi. Urugendo rurerure rwo gutuza ubwoko bw’Imana mu misozi bwari bwagereyemwo rwari rutanguye. Abacamanza bo gucirako iteka ubwoko bw’Imana baciye batangura igikorwa cabo kigayitse, maze ba “Kayini” bazimanganiriza ubusa ubuzima bwa ba “Abeli” bakama babonetse kenshi.IB 56.6

    Ico gikorwa kigayitse carabandanije maze imirima yahora yimbuka ihinduka amatongo, amazu abantu bahora bagerereyemwo canke basengeramwo arasamburwa; gutyo ahahora indimiro ziteye igomwe n’indaro yabo bantu b’abakozi kandi b’abanyamahoro hahinduka umusaka. Nk’uko igikoko c’inkazi kirushirizaho kwongereza ubukari bwaco iyo gipfyese amaraso, ni ko n’ububisha bw’abakorera ubupapa bwongerekana bariko bararaba umubabaro abo batoteza bariko baracamwo. Benshi muri abo bashingira intahe ukwizera kuringaniye barakurikiranwa mu misozi, bagatuzwa gushika no mu masoko baba binyegejemwo, mu mashamba no mu masenga y’ibitandara aho bari bararonse ubugerero.IB 57.1

    N’ubwo abo bantu ata muntu yabaha ni rwere, ntaco wari kubagiriza ufatiye kuri kamere nziza yabo. Mbere n’ababahama babashingira intahe ko ari abantu b’amahoro, batekereje kandi bakunda ivy’Imana. Ikosa ry’agacamutwe babagiriza ni uko batari bemeye gusenga Imana bisunze ubugombe bw’ubupapa. Kubera ico kirego, ico cose cakorwa kugira ngo umuntu bamucishe bugufi, ibitutsi, agacinyizo canke ikibi cose cashobora kwiyumvirwa; carabashitseko.IB 57.2

    Aho ishengero ry’i Roma, igihe kimwe, ryafata ingingo yo kurandura ako karwi kankwa; Papa yarasohoye inyandiko ibacirako iteka nk’abakwiragiza inyigisho z’ibinyoma kandi itanga uburenganzira bwo kubasogota. Ntibabagiriza ko boba basenga ibintazi canke ko atari abizigirwa, canke ko bazana umutekano muke; ahubwo bose bahuriza hamwe kuvuga ko ari abantu bakunda Imana kandi ko bitwararika ivy’ubweranda ku buryo ivyo “vyakwegakweze” intama zo mu busho bw’ukuri”. Ni co gituma ubupapa bwaciye bugena yuko ” ako kagwi kuzuye ikibi hamwe n’ibiterasoni, hamwe kokwanka kwisubirako, bokamena umutwe nk’inzoka y’ubumara” (Wylie, b.I6, ch.l). Uyu murongozi w’ishengero yishira hejuru yoba yari azi ko umusi umwe ayo majambo azoyibutswa? Ubwo yaramenye ko hari aho yanditswe mu bitabo vyo mw’ijuru kugira ngo azomwagirize mu gihe c’amateka? Kuko Yesu ubwiwe yaravuze ati: “Ko mwabigiriye umwe muri aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye”. (Matayo 25:40)IB 57.3

    Urwo rwandiko rw’ubupapa rwahamagarira abayoboke bose b’ishengero ry’i Roma gutuza abo bita “abigisha b’ibinyoma”. Urwo rwandiko rwabaye nk’amavuta asutswe ku muriro rwatumye abayoboke b’ishengero ry’i Roma, bagira uruhara rukomeye mu gikorwa giteye isoni c’ubugizi bwa nabi. “Ico gikorwa ngo catuma batezurirwa ibihano n’imibabaro yose Ekleziya yabaharurako haba mu buryo rusangi canke mu buryo budasanzwe. Catuma uwo wese yagize indahiro aserura ayirekurirwa mu gihe yemeye kugira uruhara muri co. Catuma umuntu uwari we wese yokwankiriza ubuzima bw’umuntu umwe gusa muri abo “bigisha b’ibinyoma”, ivyaha vyiwe vyose vyobabarirwa. Catumye amasezerano yose yari yarateweko igikumu kugira ngo yorohereze aba Walidensi aba atagifise agaciro, kuko cararikira abari basanzwe babakorera kubaheba, kikabuza umuntu uwari we wese kugira ico yobafasha ico ari co cose, kandi kikarekurira abantu bose kuba bokwigarurira ivyo batunze vyose” (Wylie, b. 16, ch. 1). Iki candiko cerekana neza na neza impwemu yari yarongoye abari bacanditse hamwe n’abaragura ico cabahamagarira. Cari igisato cariko kirivuga; ntiryari ijwi rya Kristo ryariko rirumvikana.IB 57.4

    Abarongozi b’ubupapa ntibashobora kuringanisha kamere yabo n’urugero rwo hejuru rw’amabwirizwa y’lmana; ariko bari bihagiye amategeko ababereye maze bigira inama yo guhimiriza abantu bose ngo babe abe ari yo bisunga kuko ari co ishengero ry’i Roma ryipfuza. Amarorerwa atagira izina yatanguye kuboneka. Abapatiri n’abapapa bakira ingurire kandi barangwa n’ibikorwa biteye isoni bariko barashira mu ngiro amabanga bashinzwe na Satani. Impuhwe nta kibanza zari zigifise muri kamere yabo. Ka gatima katuma Yesu amanikwa ku giti maze intumwa ziwe zigasogotwa, ni nako katumye umwami w’abami Nero yari anyotewe amaraso y’aberanda bo mu misi yiwe, arondera kwankiriza kw’isi abakundwa b’Imana.IB 58.1

    Nubwo ubu bwoko bwatinya Imana bwahamwe ibinjana vyinshi, bwararemye, burangwa n’ukwihangana kudahugumba guhesha icubahiro umucunguzi wabwo. Butarajwe ishinga n’ibitero bama babutumberejeko hamwe n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwama bubarindiriye; bwabandanije kurungika hanze abavugabutmwa babwo kugira ngo bakwiragize hose ukuri kw’agaciro. Barahigwa buhongo kugira ngo bicwe ariko amaraso yabo yarushiriza kuvomera imbuto yateragiwe kandi ntiyabura kwimbuka ivyamwa. Uko niko aba Walidensi bashingiye Imana intahe imbere yuko Luther abona izuba. Kubwo kuba bari bakwiragiye mu bihugu bitandukanye, bahavuye basanga barateragiye imbuto yameze mu gihe ca WyclifFe, irakura irasagarara kandi ishinga imizi mu gihe ca Luther. Kandi iyo mbuto ikwiye gushikanwa hose mu gihe c’iherezo ry’ibihe, ishikanyweho n’abo bose biteguye kuba bobabazwa kubwo “ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu Kristo”. (Ivyahishuriwe Yohana 1:9).IB 58.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents