Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 36 - Urugamba Rutugeramiye

    Uhereye ubwa mbere na mbere aho intambara ihambaye yatangura mw’ijuru, intumbero ya Satani yonyene ni iyo kuraba ingene yohanagura amabwirizwa yimana. Ni muri ubwo buryo yatanguje umugumuko no kurwanya Umuremyi, kandi naho yirukanywe mw’ijuru, yabandanirije urwo rugamba kw’isi. Intumbero yiwe yonyene yisunga kandi atavirira ni ukubesha abantu maze akabakwegera mu guhonyanga amabwirizwa yimana. Iyo ntumbero abaye ayishitseko abanje gushira ku ruhande amabwirizwa yose yimana, canke agahakana gusa rimwe muri yo; ingaruka zavyo ziba zimwe. Umuntu acumura kw’ibwirizwa rimwe gusa aba yerekanye ko agaye amategeko yose; ubwaku n’akarorero vyiwe biri mu ruhande rw’ukugabitanya; aba acumuye ku “mabwirizwa yose”.IB 409.1

    Mu kurondera gukengera amabwirizwa yimana, Satani yatituye inyigisho za Bibiliya; uko ni ko amakosa yinjiye mu kwizera kw'abantu ibihumbi bemera ko bizera ivyanditswe. Intambara ihambaye yanyuma hagati y’ukuri n’ikinyoma nta yindi, uretse urugamba rw’imyaka amajana n’ayandi rwo kurwanya amabwirizwa y’Imana. Urwo rugamba rurakomeye muri kino gihe - intambara hagati y’amabwirizwa y’abantu hamwe n’amabwirizwa ya Yehova, hagati y’idini ryo muri Bibiliya hamwe n’idini ry’imigani n’imigenzo.IB 409.2

    Inguvu zizoshirwa hamwe mu kurwanya ukuri hamwe n’ubutungane muri ico kiringo zaratanguye gushirwa ku gikorwa. Ijambo ryeranda ryimana twahawe ku giciro kidasanzwe c’umubabaro n’amaraso yasesetse rihabwa agaciro kabayabaye. Bibiliya umuntu wese arashobora kuyironka,ariko abayemera ko yobabera indongozi y’ubuzima bwabo ni bake. Uguhemuka kwarimonogoje ku buryo buteye ubwoba, uretse gusa mw’isi ariko no mwishengero. Abantu benshi bashitse aho bahakana inyigisho zigize inkingi shimikiro z’ukwemera rukristo. Ibimenyamenya vy’igikorwa c’irema nk’uko vyashikirijwe n’abanditsi barongowe na Mpwemu, ukugwa kw'umuntu, impongano, ukwamaho kw’amabwiriza yimana, muri rusangi igitigiri kitari gito c’abemera ko ari abakristo kirabihakana vyose canke bimwe muri vyo.IB 409.3

    Abantu ibihumbi bishimira ubwenge bwabo hamwe n’umwidegemvyo babona ko kwizera ijambo ryimana ari ikimenyetso cerekana intege nke z'umuntu. Guharira ku vyanditswe no kubigenera insiguro biyumvira mu vya Mpwemu, bizimanganya ukuri guhambaye bishikiriza, babona ko ari ikimenyamenya c’impano idasanzwe bafise. Abapasitori benshi barigisha abantu babo, kandi n’abigisha mu mashure yisumbuye na kaminuza bariko bigisha abarerwa babo, ko amabwirizwa yimana yahinduwe canke agakurwaho; kandi ko abibaza ko ivyo bitoba bigifise agaciro, ku buryo yokwubahirizwa nk’uko yanditswe, nta kindi kibabereye atari ugukengerwa n’ukugawa.IB 409.4

    Iyo Abantu bahakanye ukuri baba bihakanye nyene kwo. Iyo Abantu bahonyanga amabwirizwa yimana baba bariko barahakana ububasha bw’uwayatanze. Kugira ikigigwamana c’inyigisho z'ibinyoma hamwe n’iyindi nsiguro bingana no guharara ikigirwamana kibaje mu giti canke mw’ibuye. Mu kuvuga ukutari ko akaranga k’lmana, Satani atuma biyumvira kamere yayo uko itari. Kuri benshi, ikigirwamana c’ivyiyumviro carahawe icicaro c’iteka mu kibanza ca Yehova, mu gihe Imana nzima, nk’uko yihishuye mw’ijambo ryayo, muri Kristo hamwe no mu gikorwa c’irema, isengwa ariko n’abantu bari ku rushi. Abantu ibihumbi bagafata ivyaremwe bakabigira Imana ariko bagahakana Imana yabiremye. N’ubwo vyibonekeza mu bundi buryo, ugusenga ibigirwamana biriho mu bakristo muri kino gihe nk’uko vyahora kera muri Isirayeli mu gihe ca Eliya. Imana y’abantu benshi bavuga ko ari inkerebutsi, abantu bafise ivyiyumviro bihambaye, abanditsi, abanyapolitique hamwe n’abanyamakuru - imana y’imirwi iteye imbere, y’amashure yisumbuye menshi hamwe na za kaminuza, mbere n’imana y’ibigo bimwe vyigisha iyobokamana - ntaco yisumbije kuri Bayali, Imana-zuba y’Abanyesidoni.IB 409.5

    Nta nyigisho y’ikinyoma n’imwe yemerwa n’abakristo irusha izindi kurwanya ubutegetsi bw’ijuru; nta n’imwe irusha izindi kubangamira ivyo ubwenge busaba; nta n’imwe irusha izindi kugira ingaruka z’ubugesera nk’inyigisho yo muri bino bihe, irushiriza gukwira hirya no hino, y’uko amabwirizwa y’Imana ata bubasha agifise ku bantu. Igihugu cose kirafise amategeko akigenga, asaba ko hobaho ukwubaha no kugamburuka; nta leta n’imwe yoshobora kubaho ayo mategeko atabayeho; none hokwiyumvirwa gute yuko umuremyi w’amajuru n’isi yoba adafise amategeko yo gutwara ivyo yaremye? Twiyumvire gatoya y’uko abasiguzi rurangiranwa bokwigisha icese yuko amategeko agenga igihugu cabo kandi akingira uburenganzira bw’abanyagihugu yoba atagikenewe - yuko abuza abanyagihugu kwidegemvya, ko rero bitabereye ko yubahirizwa; umuntu nk’uyo yokwihanganirwa igihe kingana iki kubandanya ari ku ruhimbi?Ariko raba gukengera amategeko y’ibihugu n’amahanga ni ryo kosa rikomeye kuruta gukandagira amabwirizwa y’lmana kandi ari yo shimikiro y’intwaro yose?IB 410.1

    Vyogira uko bivugika gusumvya hamwe amahanga yokuraho amategeko ayagenga, akarekurira abantu gukora uko biyumvira, kuruta ko umutware w’isi n’ijuru yokuraho amabwiriza yiwe, maze isi akayireka idafise urugero rwo kwisunga mu guhana ugabitanya canke kwambika izera ugamburuka. Twoba twipfuza kumenya inkurikizi zo gukengera amabwirizwa y’Imana? Kahise karavyerekana. Harabaye ibintu vy’ubugesera mu Bufaransa mu gihe ukutemera Imana vyari vyahawe agaciro aba ari vyo bihinduka ubutware bugenzura ikintu cose. Ico gihe ni ho isi yabonye ko iyo abantu biyonkoye ku vy’Imana yabasavye kugendera, baba bemeye kugendera kw’itegeko ry’agacinyizo gateye ubwoba. Aho urugero rw’ubutungane rukumiriwe, inzira iba yugururiwe umugwanizi ngo atsimbataze ubutware bwiwe kw’isi.IB 410.2

    Aho hose amabwiriza y’Imana atakiriwe ngo bayemere, icaha ntikiba kikiboneka ko ari kibi kandi nta muntu aba acifuza ko habaho ubutungane. Abatemera guca bugufi musi y’intwaro y’ijuru baba batabereye kuba bokwitwara bo ubwabo - Bicishijwe mu nyigisho zuzuye uburyarya, agatima ko kuba intagondwa karateragiwe mu bana no mu miyabaga, bo usanga muri rusangi batihanganira gutegekwa; ivyo bishikira igihugu kitagira amategeko akigenga no ku banyagihugu bakora ivyo bishakiye. Mu gihe bakengera ukwemera kw’abagamburukira amabwirizwa y’Imana, abantu amasinzi barajwe ishinga no kwemera ubuhendanyi bwa Satani.Basasira indava ibihimbaro vy’isi kandi bagakora ivyaha vyatumye abapagani bashikirwa n’ibihano vy’Imana.IB 410.3

    Abo bose bigisha abantu ngo bafate minenegwe amabwirizwa y’Imana baba bariko barateragira ukutagamburuka kandi ni navyo bazokwimbura. Ivyo amabwirizwa y’Imana asaba kwitondera hamwe vyoba bishizwe ku ruhande, amabwirizwa y’umuntu mu mwanya muto, azokengerwa. Kubera yuko amabwirizwa y’Imana adashigikira imyifato ikwegera abantu mu mugayo: ukwipfuza, ukubesha, n’ubusuma; abantu bariteguye kuyakandagira nk’uko yoba ababera inzitizi zo gutunganirwa kuri iyi si hamwe no gutera imbere; ariko rero inkurikizi zo gushira i ruhande ayo mabwirizwa zizoba izo batigeze biyumvira. Mu gihe amabwirizwa atoba agifise agaciro, umuntu wese yotinyira iki kutayubahiriza? Ivyo dutunze ntivyoba biri mu mutekano! Abantu bokwaka ababanyi babo ku nguvu ivyo batunze; umuntu arusha abandi inguvu ni we yonabarusha itunga, ubuzima ntibwoba bwubahirijwe. Amasezerano y’ukwabirana ntiyoba akiboneka nk’uko ari inkinzo nyeranda ikingira umuryango. Umuntu afise ubushobozi, hamwe yoba avyigombeye, yotwara umugore wa mugenzi we ku nguvu. Ibwirizwa rya gatanu hamwe n’irya kane yoshirwa ku ruhande. Abana ntiboba bakigira ikinya co kwankiriza ubuzima bw’abavyeyi babo mu gihe hamwe bobikora uko, boshobora gushikira ico imitima yabo yanduye yipfuza. Iyi si y’iterambere yohinduka icibare c’abasuma n’abicanyi; kandi amahoro, umutekano hamwe n’umunezero nta kibanza vyoba bigifise kw’isi.IB 411.1

    Inyigisho y’uko abantu bakomorewe kutagamburukira amabwirizwa y’Imana yaramaze gutitura ubushobozi bwo kurangwa n’ingendo runtu maze yugururira inzugi umwuzure w’ikibi ukwira kw’isi yose. Akajagari, ugusesagura, hamwe n’ugutitura imico vyamaze kuturengera nk’amazi asunitswe n’igihuhusi c’umuyaga. Satani ariko arakorera mu miryango. Idarapo yiwe iranahungabanira mu miryango no mu ngo zifise akaranga rukristo : ubu ni ho usanga ukwipfuza, ukwikekana, uburyarya, ugutongana, urwanko, uguharira, uguhemuka ku ndagano, ugutwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri. Icubako cose c’ingingo ngenderwako z’idini hamwe n’inyigisho nshimikiro, cari gikwiriye kuba ihangiro hamwe n’urwuririro rw’ubuzima mu vyo imibano, bimeze nk’uko coba ari ikintu amahero kidashinze imizi, kiri hafi kurwa kigasenyagurika. Umwicanyi karuhariwe iyo atawe mu munyororo kubera ububegito bwiwe, kenshi ahabwa ingabirano kandi akitwararikwa nk’uko aba yakoze ikintu kidasanzwe gituma amenyekana. Amarorervva aba yakoze hamwe na kamere yiwe biramenyeshwa icese, bigashirwa ahabona. Ibinyamakuru birashira ahabona ido n’ido ry’ubugizi bwa nabi umuntu atokwihanganira; uko ni ko usanga abandi bamenyerejwe imigenzo yo kubesha, ubusuma n’ubwicanyi; kandi Satani aranezezwa no kubona agenda ashika ku nshingano yihaye. Ugukuyakuya ikibi, ukutagira ikinya mu kwankiriza ubuzima bw’abantu; ukutigerera hamwe n’ukugira nabi gutandukanye kandi kugenda gusumbana bikomeza kwiyongera, vyari bikwiye gutuma abo bose batinya Imana bikangura, bakibaza ikintu gikwiriye gukorwa kugira ngo imigozi y’ikibi icagagurwe.IB 411.2

    Ingoro z’ubutungane zaratituye imico runtu. Abategetsi basigaye basunikwa no kurondera amaronko hamwe no gukunda ibihimbara imibiri yabo. Ukutigerera vyazanye igipfungu gitwikira ubwenge bw’abantu ku buryo Satani yabifatiye neza na neza mu minwe. Abacamanza barataye ibanga, baragugwa canke bagasigwa inkore ku maso. Akaborerwe hamwe n’urwamo, ukwama mu mazimano, ukwipfuza, uguhemuka kw’uburyo bwose, ni vyo biboneka hagati y’abo bajejwe gutsimbataza amabwirizwa no kuyamenyesha abantu.’’Ukugororoka guhagaze kure, kuko ukuri kwatemvye mu nzira, kand'ubweranda ntibushobora gushika.” (Yesaya 59:14)IB 411.3

    Ikibi hamwe n’umwiza mu vya Mpwemu vyariho mu gihe ishengero Gatolika ry’i Roma ryari n’ububasha budasanzwe vyari ingaruka ntabanduka y’uko ryari ryakuyeho ivyanditswe; ariko none ni hehe umuntu yoronka impamvu y’ubutizigirwa bwakwiriye hirya no hino; ukwirengagiza ijambo ryimana, hamwe n’ingaruka bizana ry’itituka ry’imico kandi ivyo vyose bigakorwa vyinyegeje inyuma y’umuco w’ivugabutumwa muri kino gihe c’umwidegemvyo mu vyo kwemera? Mu gihe ubu Satani adashobora kubohera isi i mugongo anyegeza ivyanditswe, akoresha ubundi buryo kugira ashike ku migambi yishinze. Gusunikira abantu mu kutizera Bibiliya co kimwe no kuyisambura ubwayo, biramufasha gushika ku ntumbero yiwe. Mu kwemeza abantu ko batabohewe kuri Bibiliya, yarondeye neza na neza kubakwegera mu gucumura kuko amabwirizwa ishira ahabona atayo bazi na gato. Ubu rero bimeze nko mu bihe vya mbere, yakoreye mw’ishengero kugira ashikire intumbero yihaye. Amashirahamwe y’amadini yo muri kino gihe yaranse kwemera ukuri kutaryohera amatwi kuboneka mu vyanditswe; kandi mu kukurwanya barondeye ukuntu bemeranya ku nsiguro zo gushikiriza maze berekana aho bahagaze hatumye habibwa imbuto z’ugukekeranya. Kwenena ku nyigisho atari iyo ukuri ya Papa y’uko umuntu afise akarangamutima ko kudapfa kandi ko iyo umuntu apfuye abandanya yiyumvira, vyatumye abantu bigiza kure ikintu rudende cari kubakingira ibinyoma vyo kw'emera ivyo kuvugana n’abazimu. Inyigisho y’uko abantu bazobabazwa ibihe bidashira yatumye abantu benshi batakira inyigisho za Bibiliya. Kandi kubera ivyo ibwirizwa rya kane risaba abantu, basanga ukwubahiriza Isabato bidasigara inyuma; abigisha benshi rurangiranwa baca bavuga ko ibwirizwa ryimana ata muntu n’umw'e riboshe mu nzira yokwiha umwidegemvyo w’ishingano batipfuza kuba bokwubahiriza. Uko ni ko bashira ku ruhande icarimw'e Isabato n’amabwirizwa yimana. Uko igikorwa co kuvugurura ikiruhuko c'Isabato kizogenda gitera imbere, ugukumira ivyo ibwirizwa rya kane risaba bizorushirizaho gukura kw’isi yose. Inyigisho z’abarongozi b’amadini zugururiye urugi uguhemuka, ukwizera ivyo ukuvugana n’imizimu, hamwe no gukengera ibwirizwa ryera ryimana. Kandi ikibi ciganje mu bihugu vy’abakristo kizobazwa, n’ubwo biteye ubwoba, abo barongozi.IB 412.1

    Ego ni vyo uyu murwi udasanzwe ico ushira imbere ni ukuvuga yuko ugukwiragira kw’imico yatitutse bifitaniye isano ku buryo budasanzwe no kubona abantu badaha agaciro ico bise “isabato rukristo”; kandi ko ikizotuma abantu basubirana agateka maze imico runtu ikagarukirwa ari ukubahimiriza bakubahiriza ikiruhuko co ku wa mbere w’imisi ndwi. Ibi birashirwako akatuzo na cane cane muri Amerika aho inyigisho yerekeranye nisabato y’ukuri yashikirijwe ku buryo bw'agutse. Aho muri Amerika, igikorwa co kwigerera, imwe mu nyigisho ziza imbere kandi zihambaye zerekeranye n’ukuvugurura iyo myifato mu vya Mpwemu, gikorerwa ica rimwe n’igihimiriza abantu ngo bubahirize ikiruhuko co ku wa mbere( Dimanche); kandi abashigikira ico kiruhuko, bakakivugira, babona bo ubwabo ko baba bariko barakora kugira ngo bagarukire inyungu zihambaye abantu bafise; kandi abatemera kwifatanya na bo babafata ko ari abansi bo kwigerera no kwivugurura. Ariko kubona ko umurwi wama ushaka gutsimbataza ikinyoma uca urangurira icarimwe igikorwa muri rusangi ari ciza, ivyo ntawovyubakirako ngo ace ashigikira ikinyoma. Isumu turashobora kuyinyegeza tukayivanga n’ivyo kurya vyiza,ivyo ntibica bihindura akarangamutima kayo. Ahubwo,ica irushirizaho gutera ubwoba,na cane cane kubera yuko abantu boba boshobora kuyihereza nk’ivyo kurya ataco binona. Ubwo ni bwo buryo Satani akoresha: avanga ikinyoma n’ukuri guhagije kugira ngo agihe agaciro. Abarongozi bahagarariye umurwi wigisha ivyo guha agaciro ivy’ikiruhuko co ku wa mbere w’imisi ndwi bashobora kuvugira ivugururwa abantu bakeneye, ingingo ngenderwako zisunga inyigisho za Bibiliya; ariko kubera ko hamwe n’ivyo haba hariho ikintu gisabwa giciye kubiri n’ibwirizwa ry’Imana, abasuku bayo ntibokwifatanya na bo. Nta kintu na kimwe gishobora gusigura ingene amabwirizwa y’Imana yoshirwa ku ruhande bakayakaba n’amabwirizwa y’abantu. Ivyo binyoma bibiri, ukuba umuntu adapfa ngo ahere hamwe n’ubutagatifu bw’ikiruhuko co ku musi wa mbere w'imisi ndwi, ni vyo bintu bibiri Satani azofatisha abantu abibazirikishe. Ivy’uko abapfuye badaherengetera ni vyo vyabaye umushinge w’ukwemera ivyo ukuvugana n’imizimu; mu gihe ivyo gutagatifuza ikiruhuko co ku wa mbere w’imisi ndwi bituma habaho ukunywanishwa n’ishengero Gatolika ry’i Roma. Abaprotestanti bo muri Amerika bazoba abambere mu gufatana ibiganza baha ukuboko ukwemera ukuvugana n’imizimu; bazorengana ikimanga kibatandukanya bifatanye n’ubushobozi bw’ishengero ry’i Roma; maze munsi y’ubwaku bw’uru runani rw’inyabutatu, iki gihugu kizoca cigana ishengero Gatolika ry’i Roma mu gukandagira uburenganzira bw’umutimanama w’umuntu.IB 412.2

    Kubera yuko ukwemera ukuvugana n’abapfuye bifitaniye isano yo hafi n’ubukristo bwo kw’izina bwa kino gihe, kurafise ubushobozi buhambaye bwo kubesha no gutega abantu imitego. Satani ubwiwe arahindura uburyo akora yisunze uko ibintu bigenda bihinduka. Azoshobora kwiyerekana mw’isi nka marayika w’umuco. Yisunze abantu bavugana n’imizimu, azokora ibitangaza, abarwayi bazokira, kandi utwumiza udashobora guhakana tuzoba! Kandi kubera yuko izo mpwemu zizoba zemera ko zizera Bibiliya, kandi zikaba zerekana ko zubahiriza inzego z’ishengero, igikorwa cazo kizokwemerwa nk’uko ari ikimenyamenya c’ubushobozi bw’Imana.IB 413.1

    Muri kino gihe, umurongo utandukanya abantu bemera ko ari abakristo hamwe n'abantu bakunda Imana vy’ukuri uragoye kubona. Abizera b’lshengero bakunda ivyo ab’isi bakunda kandi bama biteguye kwifatanya nabo, kandi imigabo ya Satani ni uko yobahuriza mu murwi umwe, bikaba vyomuronsa inguvu mu vyo yishinze gukora mu kubagira bose abanywanyi bemera ivyo kuvugana n’imizimu. Abayoboke ba Papa bishimira ibitangaza nk’ikimenyamenya kidasanzwe cerekana ishengero iy’ukuri bazohendwa bitagoranye n’ubwo butware bukora ibitangaza bubifatire, kandi Abaprotestanti kubwo kuba barashize iruhande inkinzo y’ukuri, na bo bazozimizwa. Abayoboke ba Papa, abaprotestanti, hamwe n’abakunda ivy’isi bazohuriza hamwe kwemera ishusho nk’iy’abakunda Imana ariko bagahakana ubushobozi bwayo, kandi muri urwo runani bazobonamwo ubushobozi buhambaye bwotuma isi yihana, maze umutwenzi w’igihe c’imyaka igihumbi citezwe kuva kera useruke.IB 413.2

    Kubwo kuvugana n’imizimu, Satani aboneka nk’uko ari umugiraneza w’abantu; akiza abantu indwara kandi akemeza ko agomba kwerekana inyubako nshasha kandi iteye imbere y’ivyizerwa vy’idini; ariko ku rundi ruhande, muri ico kiringo nyene akora nk’umusambuzi. Ibigeragezo vyiwe bituma abantu amasinzi n’amasinzi baherengetera. Ukutigerera vyaka ububasha ukwiyumvira; ukwiyorohereza mu vyo umubiri usaba, ugutongana hamwe no gusesa amaraso bigakurikira. Satani aranezezwa no kubona intambara, kubera yuko ikabura ibigumbagumba vy’umuntu birushije ibindi gutera isoni maze agahindira ahantu hacecekerwa abo yamaze kwifatira baborerwe ikibi n’amaraso. Intumbero yiwe ni iyo gusunika igihugu ngo kigwane n’ikindi, kubera yuko muri ubwo buryo arashobora gusamaza ubwenge bw’abantu bakareka kwitwararika igikorwa co kwitegura kuzohagarara bashikamye ku musi w’Imana.IB 413.3

    Hariho ibindi bintu Satani akoresha kugira ngo yegeranye umwimbu wiwe w’abantu batiteguye. Yaranonosoye amabanga yerekeranye n’ivyo ubushakashatsi mu vyaremwe, kandi akoresha ubushobozi bwiwe bwose, igihe Imana ibirekuye, kuri ivyo bintu. Igihe yari arekuriwe kubabaza Yobu, mbega ukuntu vuba na vuba ivyago vyasukiranije kuri uwo mukurambere kimwe gisubirira ikindi, maze amasho n’ivyo atunze, abasuku, amazu, abana bikamuherako mu kanya isase! Imana ni yo yonyene ikingira ivyo yaremye kandi ikabinyegeza ubushobozi bw’umurimbuzi ntibubishikire. Ariko rero, abakristo barerekanye ko bakengereye amabwirizwa ya Yehova, kandi ico Umwami yamenyesheje ko azokora azogikora nk’uko yakigambiriye. Azokura imigisha yiwe kw’isi kandi akure n’umwitwarariko w’uburinzi kuri abo bose bagumuka bakanka kwubahiriza amabwirizwa yiwe kandi bakigisha, mbere bakanahimiriza abandi, gukora nk’abo. Satani afise ububasha kuri abo bose Imana idakingiye ku buryo budasanzwe. Hariho abantu bamwe azogirira neza mbere abateze intambuko kugira ngo ashikire ivyo yiyemeje; kandi azotuma abandi nabo bashikirwa n’ingorane zidasanzwe kugira ngo atere abantu kwiyumvira yuko ari Imana yabakwegeye muri iyo mibabaro.IB 414.1

    Mu gihe ashobora kuboneka imbere y’abana b’abantu nk’umuganga ahambaye ashobora gukiza indwara zabo zose, azonakwega indwara n’ivyago, gushika aho ibisagara bibamwo abantu isinzi bihinduka umusaka n’ahantu ata bantu bahaba. No muri iki gihe ari ku gikorwa. Mu masanganya n’ibihuhusi bikomeye kandi biteye ubwoba, urubura, imyuzure, imikuba yo mu kiyaga, imitigito y’isi, aho ari hose kandi mu buryo igihumbi butandukanye, Satani aba ariko arakoresha ubushobozi bwiwe. Arazimanganya umwimbu wari ugeze kwegeranywa maze inzara n’amaganya bikaronka ikibanza. Ashira mu kirere uburozi bwica, maze abantu ibihumbi bagahona bishwe n’akaranda. Ivyo vyago ateza bizokwama vyashikiye abantu kenshi na kenshi kandi bibahonye. Abantu bazohona kandi n’ibikoko bizohona. “Isi irahondobereye, irakabiranye, abakuru bo mw’isi barahondobereye. Kandi isi ihumanijwe n’abayibamwo; kuko barenze ivyagezwe, bagaca mw’ibwirizwa, bakica isezerano ry’intahava”( Yesaya 24:4,5)IB 414.2

    Hanyuma umurwanizi akomeye azokwumvisha abantu yuko abakurikira Imana aribo nkwezi y’ivyo bibi. Umurwi watumye uburake bw’ijuru bwiyerekana uzokwagiriza izo ngorane zabo zose abo bitondera amabwirizwa y’Imana kuko ari ikimenyamenya camaho cagiriza abayakandagira. Bazovugana yuko abantu bariko baratukisha Imana kubwo kutubahiriza ikiruhuko co k’umusi wa mbere w’imisi ndwi, ko rero arico caha cabakwegeye ayo mahano atazokwigera ahagarara gushika aho itegeko ryo gusenga ku wa mbere w’imisi ndwi rizoba ryubahirizwa ata guhigimanga, kandi ko abashira imbere ivyo itegeko rya kane risaba, bakaba muri ubwo buryo batitura ukwubahiriza umusi wa mbere w’imisi ndwi, bakwegera abantu ivyago bibabuza ko Imana yokwongera kubatyorora, ikabaraba ryiza, kandi bakaroranirwa kuri iyi si. Uko umusuku wimana aho hambere yagirijwe bizongera bisubirwemwo hisunzwe impamvu zigomba kumera nk’izo: “Maze Ahabu abonye Eliya, aramubarira ati: Mbega ni wewe nyene, n’ukuntu wateje amagorwa Abisirayeli? Na we aramwishura ati: Eka si jwe nateje amagorwa Abisirayeli, ariko ni wewe, mwe n’inzu ya so, mwayabateye, kuko mwaretse ivyagezwe vy’Uhoraho, mugakurikira za Bayali” (1 Abami 18: 17, 18) Kubera yuko ishavu ry’abantu rizoba ryakabuwe n’ivyagirizo vy’ibinyoma, bazokurikirana ivyariho vyimana mu buryo bufitaniye isano n’igihe Isirayeli yihakanye Imana yariko ihiga Eliya.IB 414.3

    Ubwo bushobozi bukora ibitangaza bubonekera mu kuvugana n’abapfuye buzogira ubwaku mu kurwanya abahisemwo kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu. Izo mpwemu zizovuga ko zarungitswe nimana kugira ngo zumvishe abataruhuka ku wa mbere(Dimanche) ikosa ryabo iryo ari iryo, zemeze ko amategeko y’igihugu akwiriye kwubahirizwa co kimwe n’amategeko yimana. Bazokwidodombera ubukozi bw’ikibi buhambaye buri mw’isi maze bunganire abigisha b’amadini mu ntahe bashinga bavuga ko kubona hariho ugutituka kw’imico myiza vyatewe n’uko abantu bafashe minenerwe ivyo kwubahiriza ikiruhuko co ku wa mbere (Dimanche). Abantu bazokwidogera cane abo bose banse kwemera igishingantahe cabo bigishije.IB 415.1

    Uburyo Satani akoresha muri iyi ntambara ya nyuma anyinyurana n’abantu bimana burasa n’ubwo yakoresheje mu gihe yatanguza iyo ntambara ihambaye mw’ijuru. We yemeza ko ariko arondera ingene yokora kugira ngo atsimbataze intwaro yimana, mu gihe mw’ibanga yakora uko ashoboye kugira ngo asenyure iyo ntwaro. Kandi ico gikorwa yari yihaye gukora yacagirije abamarayika banse kugabira Imana. Ukwo gukorera mu kinyoma ni kwo kwaranze kahise k’ishengero gatolika ry’i Roma. Ryerekanye yuko rikora nk’icariho c’ijuru, ariko ririko rirarondera kwishira hejuru yimana no guhindura amabwirizwa yayo. Mu gihe c’ubutegetsi budasanzwe bw’ishengero ry'i Roma, abo vyashitse bakicwa kubwo kugamburukira ubutumwa bwiza, babagiriza ko ari abagizi ba nabi; babafata nk’abakorana na Satani; kandi uburyo bwose bushoboka bwarakoreshwa kugira ngo babambike ibara, kugira ngo baboneke mu maso y’abantu mbere nabo ubwabo bibone ko ari abagizi ba nabi karuhariwe. Uko ni ko bizogenda n’ubu. Mu gihe Satani arondera kuzimanganya abubahiriza amabwirizwa yimana, azotuma bagirizwa ko aribo bayahonyanga, ko ari abantu bamaramaza Imana kandi bagatuma ibihano vyayo bishika kw’isi.IB 415.2

    Imana ntiyigera igobera umutimanama w’umuntu; ariko umurwanizi we ikigwanisho afise -kugira ngo ashobore kugira ububasha kuri abo adashobora guhenda - ni ugukoresha igikenye mu kubagirira nabi. Mu kubatera ubwoba canke mu kubashirako inguvu, agerageza kwigarurira umutimanama wabo hamwe no kurondera ko bamukomera amashi. Mu kubishikako, akoresha abategetsi bompi bo mw’ishengero no mu gihugu, akabasunika ngo bahimirize amabwirizwa yashizweho n’abantu bayarutishe ayashizweho nimana.IB 415.3

    Abubahiriza Isabato nk’uko iboneka muri Bibiliya bazokwagirizwa ko ari abansi b’amategeko n’integuro ziringanijwe; ko ari bo batumye imico myiza mu bantu itituka maze bigatuma habaho akajagari n’ububegito bw’uburyo bwose, kandi bigakwegera isi gushikirwa n’ibihano vy’Imana. Kubona bagira umwitwarariko kubera ivyo umutimanama ubasaba bizoharurwa kuri bo nko kutumva, kuba ibigaba hamwe no kugwanya amategeko y’igihugu. Bazobagiriza ko batubaha intwaro y’igihugu kandi ko batayishigikira. Abasiguzi batemera ico amabwirizwa y’Imana asaba, bazomenyeshereza ku ruhimbi ko abantu bose basabwa kugamburukira abatware b’igihugu nk’uko vyategetswe n’lmana. Mu ngoro z’amakoraniro z’abashingamateka hamwe n’izo ubutungane, abubahiriza amabwirizwa y’Imana bazovugwa nabi kandi bacirirweko iteka. Amajambo yabo bazoyaha iyindi nsiguro; bazobagiriza ibintu vy’agacamutwe.IB 415.4

    Kubera y’uko amashengero y’abaprotestanti yirengagije inyigisho zitomoye zo mu vyanditswe zishigikira amabwirizwa y’Imana, bazorondera ingene abantu kubwo ukwizera kwabo batosambuza inyigisho za Bibiliya bonuma, bakaguma mu gacerere ntibavuge. N’ubwo bihumisha amaso ngo ntibabone ibiriko biraba, muri kino gihe bariko baratera intambuko izobashikana ku guhama abo bose banka, bivuye ku mutima, gukora ivyo abandi bakristo bose kw’isi bariko barakora, kandi bagatako bakanubahiriza ibasabwa n’ ikiruhuko Papa yashizeho.IB 416.1

    Abanyacubahiro bo mw’ishengero no mu gihugu bazokwishira hamwe bemerere abantu amafaranga, babasigurire canke babahimirize kuruhuka bose ku musi w’iyinga. Kubera y’uko ubutware bw’Imana buzoba butakizirikanwa, buzosubirirwa n’ingingo z'agahotoro. Ububegito mu vya politike z’ibihugu buriko buratitura urukundo rw’ubutungane hamwe no kwubahiriza ukuri; mbere no muri Amerika yidegemvya, abategetsi hamwe n’abashinga amategeko, mu ntumbero yo kurabwa neza n’abanyagihugu, bazokwumvira ico bano babasaba kijanye no gushiraho itegeko rihimiriza kwubahiriza ikiruhuko co ku wa mbere (Dimanche). Ukwidegemvya kw’umutimanama kwashitsweko hatartzwe ikimazi c’agaciro gahambaye ntikuzoba kucubahirizwa. Mu madidane agiye gushika vuba bidatevye, tuzobona neza akarorero ayo majambo umuhanuzi yashize ahagaragara: “Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirigira ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe Yohana 12: 17)IB 416.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents