Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 39 - Ibihe Vy'amakuba

    “Maz’ico gihe Mikayeli azohaguruka niwe mugabisha ahagarikiye ubwoko bwanyu ; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho ukageza ico gihe. Ariko ico gihe umuntu wese wo mu bwoko bwanyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.» (Daniyeli 12: I)IB 430.1

    Igihe ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu buzoba burangiye; ubuntu bw’Imana busabira imbabazi ababa kw’isi kubwo ibigabitanyo vyabo buzoca buhagarara. Abantu bimana bazoba bamaze kurangura igikorwa bashinzwe. Bazoba baronse imvura y’urushana “impemburo iva mu nyonga zimana; kandi bazoba bariteguriye ibihe vy’amakuba bibarindiriye. Abamarayika bariko baranyuragirana hagati y’ijuru n’isi. Umumarayika agurutse avuye kw’isi aramenyesha yuko igikorwa ciwe yakirangije; isi yashizwe ku rupimo ubwa nyuma kandi abantu bose berekanye ko bagamburukira amabwirizwa yimana bararonse ikidodo cimana nzima.” Yesu azoca aheraheza igikorwa co kudusabira imbabazi yakorera mw’ihema ryera mw’ijuru. Azoduza amaboko yiwe hejuru maze avuge n’ijwi ryumvikana ati: “Birarangiye,” maze ingabo zose z’abamarayika zizoshira hasi ingori zazo igihe azoba ariko ashikiriza icese iri tangazo ngo: “Ugabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure ; ugororotse n’ashishikare agororoke ; uwera n’ashishikare yezwe.”(Ivyahishuwe 22: 11) Umuntu wese ivyiwe bizoba vyarihwejwe: hazoba hasigaye kubaho ibihe vyose canke gupfa. Kristo yaratangiye impongano abantu biwe kandi yabahanaguye ivyaha vyabo. Igitigiri c’abiwe caramaze gushikwako; ubwami n’ubutware, kandi n’inganji y’ubwami bwose buri munsi y’ijuru buri hafi guhabwa abarazwe agakiza, kandi Yesu agiye kuganza nk’Umwami w’abami n’umuganwa w’abaganwa.IB 430.2

    Igihe azoba asohotse mw’ihema ryera, umwiza uzoca utwikira ababaye kw’isi. Muri ico gihe giteye ubwoba, abera bategerezwa kuzobaho imbere y’inyonga zimana badafise umuntu abavugira. Icari kibereye intambamyi ababi kizoba camaze gukurwaho, kandi Satani azoba afise mu minwe ubwa nyuma abanse kwihana bose. Imbabazi zimana zizoba zarangiye. Isi yaranse kwakira ubuntu bwayo, yarakengerye urukundo rwayo, kandi yarakandagiye amabwirizwa yayo. Ababi bazoba baramaze kurengana urubibe rw’aho bashobora kubabarirwa; Mpwemu w’lmana banse kwumvira igihe kirekire azoba noneho yabakuwemwo. Kubera ko badatwikiriwe n’ubuntu bwimana, nta burinzi bazoba bafise. Rero, Satani azokwegera ababa kw’isi mu makuba ya nyuma ahambaye. Kubera ko abamarayika bimana batazoba bagifashe ubushobozi bw’imikuba y’imiyaga y’ivyipfuzo vy’abantu, ibintu vyose bikwega urudubi n’akajagari bizoba vyarekuwe. Isi yose izogwa mu kaga gateye ubwoba kuruta ako Yerusalemu ya kera yabonye.IB 430.3

    Umumarayika umwe, aho hambere, yatumye urupfu mhitana imfura zose zo muri Egiputa maze atuma igihugu cuzuramwo amaganya, kiragandara. Igihe Dawidi yacumura ku Mana mu guhorera abantu atawabimutegetse, umumarayika umwe gusa yatumye abantu bahona ku buryo buteye ubwoba kugira ngo icaha yari yakoze gihanwe. Ubwo bushobozi bwo guhonya abamarayika bera bakoresheje igihe Imana yabibagera, buzokoreshwa n’abamarayika bacumuye hamwe Imana izoba ibibarekuriye. Hariho ingabo ubu ziteguye, zirindiriye vyonyene ko ijuru rizirekurira gukwiragiza umubabaro ahantu hose.IB 430.4

    Abubaha amabwirizwa y’Imana bagirijwe ko ari bo batumye ibihano bishika kw’isi; bazobaraba nk’uko batumye isi ihinda agashitsi ukwo kandi ko ingwano no gusesa amaraso hagati y’abantu vyazanye amagorwa kw’isi vyavuye kuri bo. Ubushobozi buherekeje imburi ya nyuma buzotuma ababi baterwa n’ishavu; iryo shavu bazorigirira uwo wese yakiriye ubutumwa, kandi Satani azorushirizaho kuvyura ako gatima k’urwanko n’agahamo.IB 431.1

    Igihe ubuntu bw’Imana bwari bum aze gukurwa ku bwoko bw’Abayuda, nta muntu n’umwe yabimenye. Naho bari bamaze kuja musi y’ukuboko kwa Satani, kandi bakaba bari bamaze kubohwa n’ivyipfuzo bibi kandi biteye ubwoba, ntaho bigeze bakekeranya ko batoranijwe n’imana. Ibikorwa vyo mu rusengero vyarabandanije; ibimazi vyakomeje gutangirwa ku ruhimbi rwanduye kandi ku musi ku musi barasabira imigisha yo mw’ijuru abantu bakoze amaraso y’umwana w’ikinege w’lmana kandi bakirondera gusogota abakozi n’intumwa ziwe. Rero igihe ya ngingo idasubirwako yo mw’ihema ryera izoba imaze gutangazwa maze kazoza k’isi kakaba kamaze gupfundikwa ubudasubirwako, ababa kw’isi ntibazobica n’ikanda. Abantu Mpwemu w’lmana azoba yamaze gukurwako bazobandanya uburyo bwo gusenga bahorana; kandi ishaka Satani umuganwa w’ikibi azobaha mu ntumbero yo gushitsa imigambi yiwe mibi, rizoba riboneka nk’uko ari ishaka ry’Imana.IB 431.2

    Kubera yuko Isabato yahindutse ingingo idasanzwe y’ukunyinyurana hagati y’abakristo, kandi abarongozi b’ishengero n’ab’igihigu bakaba barifatanije kugira ngo ikiruhuko co ku wa mbere (Dimanche) bakigire itegeko, ukubona abantu bake babandanya kwanka ivyo abantu rurangiranwa bariko barasaba bizotuma isi yose ibagirira agashavu. Bizosabwa yuko abo bantu bake batemera kujana n’ingingo Ishengero ryafashe hamwe n’itegeko rya Leta badakwiriye kwihanganirwa; ko icoba ciza ari uko bobabazwa aho kubona amahanga yose yokwegerwa mu rudubi no mukajagari. Iyo ni yo ngingo “abarongozi b’ishengero” bigeze kwagiriza Kristo haraheze imyaka amajana. Kayafa w’indyarya yavuze ati: “Ibibereye ku bwanyu ni uko umuntu umwe yopfira abantu hako ubwoko bwose buhona.’’(Yohana 11:50) Iyi ngingo ni yo izoboneka ko ibereye; maze itegeko rizosohorwa rirwanya abaruhuka Isabato y’ibwirizzwa rya kane, babagirize ko bakwiriye kubahanisha ibihano bikomeye kandi bahe abantu uburenganzira, inyuma y’igihe runaka, bwo kubica. Ishengero Gatolika ry’i Roma aho hambere hamwe n’Abaprotestanti bahakanye muri kino gihe, bazorangwa n’imyifato imwe imbere y’abubahiriza amabwirizwa y’Imana.IB 431.3

    Abantu b'lmana rero bazoshikirwa n’ibihe vy’umubabaro n’amageragezwa vyagenekerejwe n’umuhanuzi nk’ibihe vy’umubabaro wa Yakobo “Uko ni ko mbivuze jewe Uhoraho:nti twumvise ijwi ry’abari mu gatengo no mu bwoba, atari mu mahoro...Mu maso yabose hahinduranye. Ew’amagorwa ari hano! Kuk’uwo musi uhambaye ntaw’uhwanye nawo: n’igihe c’umubabaro w’aba Yakobo ; yamara bazogikizwa.” (Yeremiya 30: 5-7IB 431.4

    Ijoro ry’amakuba Yakobo yaciyemwo igihe yariko araririra Imana mu masengesho ngo imukize ukuboko kwa mukuru we Esau, rigereranya ibihe ubwoko bwTmana buzocamwo mu gihe c’ingorane. Kubera ubuhendanyi yakoresheje kugira ngo aronke imigisha y’umuvyeyi wiwe kandi ikaba yari igenewe Esau, Yakobo yari yahunze, anyaga amagara, atewe ubwoba n’imigambi mukuru we amufitiye yo ku mwica. Inyuma y’imyaka myinshi yari amaze yarahunze, yatanguye urugendo abitegetswe n’lmana, gusubira inyuma n’abagore biwe, n’abana biwe, hamwe n’ubusho n’ayandi matungo yari afise, mu gihugu ciwe. Amaze gushika ku rubibe rw’igihugu yari agiyemwo, yatewe n’ubwoba yumvise amakuru y’uko Esau ari kumwe n1 umurwi w’abarwanyi ariko aregereza aho bari, yibaza ko ata gukekeranya yagenzwa no kwihora. Yakobo n’abo bari kumwe bose badafise ibirwanisho canke uwo kubakingira, vyasa nk’uko ata kundi vyari kugenda, yategerezwa guhonana na bo. Kandi hamwe n’uwo mutwaro wo kwihebura n’ubwoba, icamuremera gusumvya ibindi kwari ukwiyagiriza, kuko icaha yari yarakoze ni co cari camukwegeye ako kaga. Ivyizigiro vyonyene yari asigaranye bwari ubuntu bw’Imana; inkinzo yiwe yategerezwa kuba amasengesho. Kandi nta kintu atakoze ku ruhande rwiwe ngo abe yoshobora kwicungura ku kibi yakoreye mwene wabo maze ngo abe yokwigiza kure ivyari bimugeramiye. Uko ni ko abakurikiye Kristo mu gihe begereje ibihe vy’amakuba, bazokora uko bashoboye kugira ngo babonwe neza n’abantu, bakureho icotuma babiyumvira nabi kandi bigize kure icobangamira umwidegemvyo w’umutimanama.IB 431.5

    Amaze kwigiza kure umuryango wiwe ngo ntabone aho bawuhonya, Yakobo yasigaye ari wenyene kugira ngo yinginge Imana. Yatuye ivyaha vyiwe kandi anezerewe, yemera ubuntu Imana yamugiriye igihe aciye bugufi, mu buryo bwimbitse, yibutsa Imana isezerano yagiranye n’aba sekuruza hamwe n’amasezerano yagiranye na we ubwiwe mw’ijoro rimwe i Beteli hamwe no mu gihugu yari yarahungiyemwo. Muri ako kanya yumvise ukuboko kumukoze ku bitugu. Yiyumviriye ko ari Umwansi agomba ku mwica, maze akoresheje inguvu zose zo mu mwiheburo anyinyurana n’uyo amuteye.IB 432.1

    Igihe umutwenzi wari umaze guseruka, uyo muntu yari yateye Yakobo yakoresheje ubushobozi bwiwe atari ubwo umuntu; akora kw’itako rya Yakobo yiyumvamwo inguvu aca amera nk’umugaye, agwa hasi, adafise uwomufasha, akorora amarira yinginga, yumiye kw’izosi ry’uyo bariko baranyinyurana. Noneho Yakobo yamenye yuko ari umumarayika w’isezerano bariko baranyinyurana. Nubwo yari amaze kumugara kandi akaba yumva ababara mu mavi, ntiyaviriye intumbero yari afise. Igihe kitari gito yari yihanganiye amageragezwa, ukwigaya hamwe no kubuzwa amahoro n’icaha ciwe; noneho yategerezwa kuremeshwa ko yababariwe. Iyo ngenzi yavuye mw’ijuru yari hafi yo kugenda; ariko Yakobo yumira kuri yo ayinginga ngo imuhezagire. Umumarayika yaramusavye ati: “Ni undeke ngende kuko umutwenzi uratambitse”, ariko uwo mukurambere yishuye avuga ati: “Sindakureka ngo ugende kiretse ubanje kumpezagira. ” Mbega ivyizigiro, mbega ukuguma kw’ijambo n’ukwihangana bibonekera hano! Iyo iki gisabo kiba ico kwishira hejuru no kurenga akarimbi, Yakobo yari guca azimanganirizwa aho nyene; ariko isengesho ryiwe ryari iry’umuntu yerekana intege nke afise kandi ko atabereye, ariko yizeye ubuntu bw’Imana idahemuka kw’isezerano yatanze.IB 432.2

    “Yaniganye n’umumarayika, aramunesha.” (Hoseya 12:4). Biciye mu kwicisha bugufi, ukwihana no kwitanga, uyu muntu w’umunyavyaha, iyi ngenzi yambaye umubiri upfa, yashoboye guhagarara imbere y’icubahiro co mw’ijuru. Ukuboko kwiwe kujugumira yari yagufatishije amasezerano y’Imana, kandi uwufise umutima w’urukundo rutangaje ntiyari gushobora kwigiza kure igisabo c’umuntu w’umunyavyaha. Nk’ikimenyamenya c’intsinzi yiwe hamwe n’indemesho ku bandi ngo bigane akarorero kiwe, izina ryiwe ryarahinduwe ntiryongera kuba izina ryibutsa icaha yari yarakoze, ariko rihinduka izina ryigina intsinzi yiwe. Kandi kubona “Yakobo yararwanye n’Imana agatsinda” cari icemezo c’uko n’abantu nabo nyene azobatsinda. Ntiyongeye gutinya kuba yohura na mwene wabo yashavuye kuko Umwami wiwe yari yahindutse inkinzo yiwe.IB 432.3

    Satani yaragirije Yakobo imbere y’abamarayika bimana, asaba uburenganzira bw’uko yomukuraho kubera icaha yari yakoze. Ni we yari yasunitse Esawu ngo aze ahangane na mwene nyina; kandi muri iryo joro rirerire uwo mukurambere yam aze ariko aranyinyurana, Satani yagerageje kumwumvisha icaha ciwe kugira ngo amuce intege maze amukure ku Mana yari yumiyeko. Yakobo yari hafi kurengerwa no kwihebura; ariko yatahuye yuko hamwe atoronka ubufasha buvuye mw’ijuru, ata gukekeranya yozimangana. Yari yihanye ata buryarya icaha gikomeye yari yarakoze, kandi yari yasavye Imana ngo imugirire ubuntu. Ntiyari yiteze kuvirira intumbero yiwe, ariko yarafashe umumarayika aramugumya maze ashikiriza igisabo ciwe yinginga, akoma akaruru aboroga gushika aho aronkeye intsinzi.IB 433.1

    Uko Satani yagize ubwaku kuri Esawu agahaguruka agiye kurwanya Yakobo, ni nako azohagurutsa ababi ngo bagende guhonya ubwoko bwimana mu bihe vy’amakuba. Kandi nk’uko yagirije Yakobo, ni nako azorondera ivyo yagiriza abantu bimana. Isi ayiharura nk’uko iri mu maboko yiwe; ariko umurwi mutoya w’abantu bubahiriza amabwirizwa yimana ntumwemerera ko awugirako ububasha. lyaba vyomukundiye ngo awukure kw’isi, intsinzi yiwe yoba ashikiriye. Abona uwo murwi ukingiwe n’abamarayika bera, kandi ivyo yabifashe nk’ikimenyamenya c’uko ivyaha vyabo babibabariwe; ariko ico atazi ni uko ibibazo vyabo vyafatiwe ingingo mw’ihema ryera ryo mw’ijuru. Aracibuka yuko hariho ivyaha yigeze kubakwegeramwo, ivyo ni vyo ashikiriza imbere y’Imana mbere akarondera kubikomeza, kugira ngo yerekane ko abo bantu bakwiriye nabo nyene gukumirwa mu nyonga z’lmana nk’uko vyamushikiye. Avuga ko Umwami adashobora, imbere y’ubutungane, kubababarira ivyaha bakoze ariko ngo azimanganye Satani n’abamarayika biwe. Avuga yuko yari yarabigaruriye kandi agasaba ko babamushira mu maboko kugira ngo abarandure.IB 433.2

    Kubera yuko Satani azoba ariko yagiriza abantu bimana yuririye ku vyaha vyabo, Umwami azomurekurira kubagerageza gusumvya ng’aho. Ivyizigiro vyabo mu Mana, ukwizera kwabo n’ukudahugumba bizoshirwa ku munzane ku buryo buteye ubwoba. Uko bazokwibuka kahise kabo, ivyizigiro vyabo bizohungabana; kuko mu buzima bwabo bwose babayeho, ata ciza na gitoya babona bakoze. Barazirikana ku buryo bwuzuye intege nke zabo n’ingene batabereye. Satani azogerageza kubateza ubwoba akoresheje iciyumviro c’uko ivyo bakoze bitobarekurira kugira ivyizigiro na bimwe, yuko umwanda w’ivyaha bakoze utazokwigera uhanagurwa. Uko ni ko azoba yibaza ko ashobora gusenyura ukwizera kwabo, ko bazokwemera akabagerageza maze bagahindukira, ntibabe bakigamburukira Imana.IB 433.3

    Nubwo abantu b’Imana bazoba bakikijwe n’abansi ata kindi barondera atari ukubahonya, ikizoba kibateye agahinda ntazoba ari agahamo bagirigwa kubwo kwemangira ukuri; azoba ahubwo ari ubwoba bafise ko hoba hari icaha boba batarihana ngo babarirwe; kandi ko kubera amakosa yabo, bizohava bibananira gushitsa amasezerano y’Umukiza: “Nzokurinda igihe co kugerageza kigira kize mu bihugu vyose.”(Ivyahishuriwe Yohana 3: 10). Hamwe boronka ikimenyamenya ko bahariwe ivyaha vyabo, ntiboba bagisubira inyuma imbere y’ugutotezwa hamwe n’urupfu; ariko boshimishwa no kwerekana ko batabereye kuba bokwakwa ubuzima bwabo kubera utunenge two muri kamere yabo maze bagatukisha izina ryera ry’Imana.IB 434.1

    Ku mpande zose, abizera nta kindi bumva atari imigambi y’ubuguhemuka kandi ico babona ni igikorwa kigaragara c’ubugumutsi; kandi bazokwumva muri bo haje icipfuzo gikomeye, ukwinginga guhambaye kw’umutima ko uku guhakana kwohera maze ukugira nabi kw’ababi kugahagarara. Ariko mu gihe bazoba bariko binginga Imana ngo ihagarike ico gikorwa c’ubugizi bwa nabi, bazobikora ariko biyagiriza bo ubwabo ko ata bushobozi bagifise bwo guhangana no guhagarika ikibi. Bazokwiyumvira ko iyo bakoresha igihe cose ubushobozi bwabo mu gikorwa ca Kristo, bari kwama batera imbere bava mu nkomezi baja mu zindi; inkomezi za Satani ntizari kubagirako ubushobozi bwobihanga muri ubwo buryo.IB 434.2

    Baracishije bugufi imitima yabo imbere y’Imana, bibuka ukwihana kwabo ivyaha vyabo vyinshi muri kahise, maze bakomeza amasezerano y’Umukiza: “Bokwisunga inkomezi zanje, bakuzura nanje, mbere ni buzure nanje.”(Yesaya 27: 5) Nubwo amasengesho yabo ataciye yumvirwa ako kanya, ukwizera kwabo ntikwahungabanye. Naho bari mu mubabaro uteye ubwoba, mu kaga no mu kwihebura, ntibigeze bahagarika ugusenga kwabo binginga. Bumiye ku nkomezi z’Imana nk’uko Yakobo yafashe umumarayika akamugumya; kandi imvugo y’umutima wabo yari iyi ngo: “Sindakureka ngo ugende utabanje kumpezagira.”IB 434.3

    Iyo Yakobo ataba yari asanzwe yarihanye icaha ciwe co kwiba umugisha wo kuba samuragwa, Imana ntiba yarumvirije ugusenga kwiwe kandi ngo imugirire ubuntu mu gukingira ubuzima bwiwe. Niko bizoba mu bihe vy’amakuba, hamwe abantu b’Imana bazoba bafise ivyaha batarihana bibagiriza, mu gihe bazoba batotejwe n’ubwoba hamwe n’amaganya, bazorengerwa; ukwihebura gutume batizera, kandi nta vyizigiro bazoba bagifise vyo kwinginga Imana ngo ibacungure. Ariko mu gihe batahura neza ko batabereye, nta bibi bakoze bazoba banyegeje vyo gushirwa ahabona. Ivyaha vyabo vyagiye imbere y’igihe mu rubanza, vyarahanaguwe, kandi ntibizoshobora kwibukwa ukundi.IB 434.4

    Satani atuma abantu benshi biyumvira yuko Imana itazokwitwararika ukuntu batabaye inyankamugayo mu bintu bibayabaye vy’ubuzima; ariko Umwami yerekuna afatiye ku kintu yakurikiraniye hafi, ikibazo ca Yakobo, yuko adashigikira kandi aiorohereza ikibi. Abo bose bagerageza kurenzako no gupfukira ivyaha vyabo, kandi bakabireka ngo bigume vyanditswe mu bitabo vyo mw’ijuru, batavyatuye ngo babiharirwe, Satani azobagirako ububasha. Uko amabanga bajejwe ahambaye n’ingene ikibanza c’iteka bafise gihambaye, ni nako inyifato yabo imbere y’lmana itabereye kandi ni nako umurwanizi wabo azorushiriza kubagirako intsinzi. Abantu bacererwa mu kwitegurira umusi w’Imana ntibazoshobora kwitegura mu gihe c’amakuba canke inyuma yaho. Ivyabo nta vyizigiro bizoba bigifise.IB 434.5

    Aberekana ko ari abakristo bakazoshika muri ico gihe c’iyo ntambara iteye ubwoba batiteguye, bazokwirega ivyaha vyabo mu mwiheburo, bakoresheje amajambo yuzuye amaganya, mu gihe ababi bo bazoba banezerejwe n’ako kaga barimwo, babitamba ku muvyimba. Nk’uko vyabaye kuri Esawu hamwe na Yuda. Bazocura intimba babazwa n’ingaruka z’ivyo bakoze aho kubabazwa n’icaha cabo, bacemera kubera gutinya guhanwa; ariko nk’uko vyashikiye Farawo aho hambere, hamwe ibihano vyoba bikuweho bokwongera bakerekana ko ijuru barikengereye.IB 435.1

    Inkuru ya yakobo ni indemesho ikomeye y’uko Imana itazotererana abantu bahanzwe, bakageragezwa kandi bakagwa mu caha, ariko bakaba baragarutse kuri yo bihanye vy’ukuri. Mu gihe Satani azoba arondera gusenya uyo murwi w’abantu, Imana izorungika abamarayika babo kubaremesha no kubakingira mu gihe bazoba bageramiwe. Ibitero vya Satani birakomeye kandi ni ntabanduka, ibinyoma vyiwe birateye ubwoba ariko amaso y’Uhoraho yama azirikana abantu biwe, kandi n’amatwi yiwe arabumviriza iyo bakoma akaruru. Umubabaro wabo urakomeye, urubeya rw’itanure ry’umuriro bisa nk’uko rwoba ruri hafi kubaherengeteza; ariko ubatyorora azobokora nk’inzahabu yakuweko inkamba n’umuriro. Urukundo Imana ifitiye abana bayo muri ico gihe c’amageragezwa rurahambaye kandi rwuzuye impuhwe nk’urwo mu gihe c’akazuba ko gutunganirwa; ariko birakenerwa ko babanza gucishwa muri iryo tanure ry’umuriro; akarangamutima kabo k’ivy’isi gategerezwa kuyongeshwa n’umuriro, kugira ngo ishusho ya Kristo iseruke ku buryo bugaragara.IB 435.2

    Ibihe vy’umwiheburo n’amaganya biri imbere yacu bizosaba ukwizera gushobora kwihanganira ukuruha, uguteba hamwe n’inzara - ukwizera kutazoshobora gushonga n'aho kwoba kwacishijwe mu muriro uteye ubwoba. Igihe c’imbabazi cahawe abantu bose kugira ngo bitegurire ivyo biringo. Yakobo yahagaze ashikamye kuko yari umuntu yihangana kandi yipfuza kugira ico ashikako. Intsinzi yiwe ni ikimenyamenya c’ubushobozi bw’amasengesho yinginga kandi agobera. Abo bose bazorambarara ku masezerano y’Imana nk'uko yabigize, bakinginga kandi ntibarambirwe nk’uko vyamushikiye; nabo bazoshika ku ntsinzi nk’uko yayishitseko. Abo batarazwa ishinga no gusezerera inarije, ngo baborogere imbere y’Imana, ngo basenge amasengesho maremare binginga, barondera imigisha yayo, ntayo bazoronka. Kunyinyurana n’lmana - mbega ukuntu bizwi n’abantu bake! Mbega ukuntu abantu begereje Imana imitima yabo bakoresheje inguvu z’ubushobozi bwose bafise kugira ngo bashike kuvyo bipfuza, ari bake! Iyo imikuba y’umwiheburo utoshobora kubona uko uyivuga iteye umuntu ariko asenga yinginga, mbega ukuntu ari bantu bake batigera badohoka ku kwizera no gukomeza amasezerano y’Imana!IB 435.3

    Abantu muri kino gihe bafise ukwizera kubayabaye, barageramiwe no kwama mu vyara vy’ubushobozi bw’ububeshi bwa Satani hamwe no kwemera itegeko ryo kugobera umutimanama. Kandi n’aho bihanganira ibigeragezo, umwiheburo n’amaganya vyabo bizokwongerekana gusumvya, kuko batigeze bagira ukwizera Imana akamenyero. Ivyirwa bijanye n'ukwizera bakengereye mu bihe bisanzwe bizoba ngombwa ko bavyiga bahimirijwe rwose n’ugucika intege.IB 435.4

    Vyari bikwiriye ko twimenyereza gukomoza amasezerano y’Imana ubu. Abamarayika barandika isengesho ryose rikozwe mu kwinginga ata buryarya. Ikibereye ni uko twovirira ibitunezera aho kureka gushikirana n’lmana. Ubukene burenze urugero, ukwizirika umukanda mu nda gukomeye, bikozwe Imana ivyemera biruta ubutunzi, ivyubahiro, ukworoherwa hamwe n’ubugenzi bitemewe n’Imana. Dutegerezwa gufata umwanya tugasenga. Nitwemera ivyiyumviro vyacu bigatwarwa n’inyungu z’isi ku buryo twibagirwa gusenga, Uhoraho ashobora kuduha umwanya mu kudukurako ibigirwamana vy’izahabu, vy’amazu canke amatongo amera.IB 435.5

    Abasore ntibokwemera kugeragezwa n’icaha hamwe batoba bemeye guca mu nzira batokwubahuka gusabiramwo imigisha y’Imana. Hamwe intumwa zijanye icese imburi ya nyuma ihambaye kw’isi zosenga zigasaba imigisha yimana, ntizibikore nk’izidashaka, mu buryo bwo kurera amaboko, ariko zikabikorana ishaka n’ukwizera nk’uko Yakobo yabikoze, zizoshobora kuronka ibibanza vyinshi aho zishobora kuvuga ziti: “Nabonye Imana imbona nkubone non’ehe ndacariho.” (Itanguriro) Mu maso y’ijuru, bazoboneka nk’abaganwa kuko bazoba baronse intsinzi mu kuba baranyinyuranye nimana hamwe n’abantu.IB 436.1

    “Igihe c’amakuba kitarigera kiboneka” kigiye kudushikira vuba; kandi birakwiriye ko tuba dufise ibishingantahe vy’ibihe twaciyemwo mu buzima dusanzwe tudafise ubu kandi abantu benshi usanga ari abanebwe mu kubirondera. Dusanzwe tumenyereye yuko amakuba atera ubwoba cane iyo uyarindiriye gusumvya iyo uyashitsemwo; ariko siko bizoba bimeze muri ivyo bihe vy’ingorane biri imbere yacu. N’uwoshobora kuyavuga ido n’ido uko azoba ameze ntashobora gushikana ku rugero nyezina azoshikako. Muri ico gihe c’umubabaro udasanzwe, umuntu wese azokwihagararira wenyene imbere yimana. “Naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, ndahiye ukubaho kwanje ni k’Umwami Uhoraho agize ntawe borokora ar’umuhungu wabo cank’umukobwa wabo; atar’ayabo magara gusa bokiza, kubw’ukugororoka kwabo.” ( Ezekiyeli 14:20)IB 436.2

    Ubu rero ko umuherezi mukuru wacu akiriko aradutangira impongano, vyari bikwiriye ko twiyuzuza na Kristo, tukarondera ubutungane bwiwe. Umukiza wacu ntashobora kuba musi y’ubushobozi bw’ibigeragezo mbere no mu vyiyumviro. Satani yama yaronse ahantu yokwigobeka mu mutima w’umuntu utaratyororwa. Iyo hariho icipfuzo c’icaha umuntu yiboheyeko, gica giha inguvu ibigeragezo vyiwe. Ariko Yesu yavuze ati: “Umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise; (Yohana 14: 30) Satani nta kintu na kimwe yari kubonamwo Umwana wimana comushoboza kuronka intsinzi. Yari yarubahirije amabwirizwa ya Se, kandi nta caha na kimwe cari muri we Satani yari kwuririrako ngo amugireko ubushobozi. Iyi ni yo nyifato ikwiriye kuboneka ku bantu, bagahagarara bashikamye mu bihe vy’amakuba.IB 436.3

    Muri ubu buzima ni ho dukwiriye kwitandukanya n’icaha, tubicishije mu kwizera amaraso y’impongano ya Kristo. Umukiza wacu w’icubahiro aradutumira ngo twifatanye nawe, intege nke zacu tuzinyuranishe n’inkomezi ziwe, ubutamenya bwacu tubunyuranishe n’ubwenge bwiwe; ukuba tutabereye kwacu tukunyuranishe n’ivyo yatumariye. Integuro zimana kuri twebwe ni ishure dukwiriye kwigiramwo ubuntu n’uguca bugufi vya Kristo. Ico Umwami yama yashize imbere yacu si inzira atari izo guhitamwo ziboneka ko zoroshe kandi ziduhimbara, ahubwo ni intumbero nyamukuru z’ubuzima. Hoba hasigaye ari ahacu ko dukorana n’intumwa ijuru rikoresha mu gikorwa co gutunganya kamere zacu ngo zisunge kamere yimana. Umuntu wese afata minenengwe canke yigiza inyuma iki gikorwa, aba ariko arigerezako kandi aba ariko arakwegera ubuzima bwiwe.IB 436.4

    Mw’iyerekwa ry’intumwa Yohana, yumvise ijwi risamirana mw’ijuru rivuga riti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’umurwanizi yabamanukiye ari n’inzigo nyinshi azi kw’afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12) Ibiringo vyamenyeshejwe n’iri jwi ryo mw’ijuru birateye ubwoba. Uko igihe Satani asigaranye kigenda kiba kigufi ni nako ishavu ryiwe rigenda ryongerekana; kandi igikorwa ciwe co kubesha no gusambura kizoba gikomeye cane muri ico gihe c’amakuba.IB 437.1

    Ibimenyetso biteye ubwoba kandi bidasanzwe bizoboneka vuba mw’ijuru, bizogaragaza ubushobozi bwo gukora ibitangaza kw’abadayimoni. Mpwemu z’abadayimoni zizogenda ku bami bo mw’isi hamwe no kw’isi yose, kugira ngo zibabohere mu kinyoma kandi zibasabe kwifatanya na Satani mu bitero vyiwe vya nyuma vy’urugamba arimwo arwanya intwaro y’ijuru. Uko ni ko abatware n’abatwarwa bose bazozirikwa ku kagozi bagahendwa n’ivyo bikoresho vya Satani. Abantu bazohaguruka bemeze ko bo ubwabo ari Kristo ubwiwe, kandi basabe ko bahabwa icubahiro kandi ko basengwa kandi ata wundi muntu abibereye uretse umucunguzi w’isi wenyene. Bazokora ibitangaza bisiga ubwenge vyo gukiza abantu kandi bazomenyesha ko bahawe ihishurwa rivuye mw’ijuru riciye kubiri n’igishingantahe c’Ivyanditswe.IB 437.2

    Mu gushira akatuzo ka nyuma ku mayeri yiwe akomeye y’ikinyoma, Satani ubwiwe azokwigira Kristo. Ishengero kera ryarerekanye ko ukugaruka kw’Umukiza ari ishitswa ry’ivyizigiro vyaryo. Ubu rero umurwanizi azogerageza kwerekana ko Kristo yamaze kuza. Mu bice bitandukanye vy’isi, Satani azokwiyerekana we ubwiwe mu bantu nk’ikiremwa giteye igomwe, gikayangana, gikwijije neza ivyashikirijwe na Yohana mu vyo yahishuriwe vyerekeranye n’umwana w’Imana. Icubahiro kimukikije nta handi ijisho ry’umuntu apfa rirakibona. Akamo k’intsinzi karumvikanye mu kirere ngo: “Kristo yaje!” Kristo yaje!” Abantu bazokubita inkoro hasi ubwabo bamusenge, mu gihe azoduza hejuru amaboko yiwe maze akabahezagira, nk’uko Kristo yahezagiye abigishwa biwe, igihe yari akiri kw’isi. Ijwi ryiwe rizoba ryoroshe ritomoye kandi ryumvikana neza ku buryo buryoheye amatwi. N’ijwi ryerekana ikinyabupfura, n’impuhwe, azoshikiriza kumwe mu kuri kwuzuye ubuntu kwo mw’ijuru Umukiza wacu yigeze gushikiriza; azokiza abantu indwara, hanyuma yiyambitse iyo kamere yitirira kristo, azokwemeza ko Isabato yayihinduriye ku wa mbere (Dimanche), maze ategeke ko abantu bose baruhuka kuri uwo musi wahezagiwe. Azomenyesha yuko abakibandanya gufata umusi w’indwi nk’Isabato bakawubahiriza baba batyoje izina ryiwe kuko baba banse kwumviriza abamarayika bafise umuco w’ukuri.IB 437.3

    Iki ni co kizoba ikinyoma kirusha ibindi gukomera ku buryo bitazoba vyoroshe kugikenyura. Nk’uko abantu b’i Samariya bari barahenzwe na Simoni umunyamareba, abantu isinzi uhereye ku boroheje ugashitsa ku bahambaye, barumviriza ayo mangetengete bavuga bati: “Uyu ni we bwa bushobozi bw’Imana bwitwa ubuhambaye.”( I vyakozwe n’intumwa 8:10)IB 437.4

    Ariko abantu b’Imana ntibazohendwa akagirire. Inyigisho z’uyu muntu yigereranya na Kristo nta sano zifitaniye n’lvyanditswe. Imigisha yiwe ayihunda abasenga igikoko n’igishushanyo caco, uwo munvi neza na neza Bibiliya ivuga ko Uhoraho azosukako igikombe kitavanze c’uburake bwiwe.IB 437.5

    Mbere gusumba n’ivyo, Satani ntarekuriwe kwigana uburyo Yesu azogaruka. Umukiza yaragabishije abigishwa biwe ngo ntihazogire umuntu abahenda kuri iki kibazo, ku buryo yamenyesheje imbere y’igihe ingene azogaruka. “Kuko hazokwaduka abigira Kristo n’abigira abavugishwa n’Imana,bagakora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka... Nuko nibababwira bat’eh’ari mu bugaragwa , ntimuze mujeyo; canke ngw’ari haruguru mu mpete, ntimuze muvyemere. Nkuk’umuravyo urabiriza iburasira zuba ukabonekera iyo rirengera nik’ukuza kw’Umwana w’Umuntu kuzomera.” (Matayo 24: 24-27, 31; Ivyahishuwe Yohana 1: 7; I Ab’itesalonike 4: 16, 17) Uko kuza nta buryo buriho bw’ukukwigana. Kuzomenywa kw’isi yose icarimwe - abantu bose bazokubona.IB 437.6

    Abashoboye bonyene kuba abanyabwenge mu kwiga Ivyanditswe kandi bakunze ukuri ni bo bazokingirwa ubushobozi bw’ikinyoma kizokwigarurira isi yose. Kubw’igishingantahe c’ijambo ry’Imana bafise, bazoshobora kubona umukenyuro w’Umurwanizi. Abantu bose bazoshikwako n’ivyo bihe bacishwe ku munzane. Ukugosorwa kubera ibigeragezo ni kwo kuzoshira ahabona abakristo nyezina. None abantu b’Imana muri kino gihe boba bashinze imizi rwose mw’ijambo ry’Imana ku buryo batoshobora kugendera ku vyo biyumvira? Bazoshobora mu gihe nk’ico kutagira ikindi kintu bumirako uretse Bibiliya yonyene? Iyaba vyomushobokera Satani yoshoboye kubabuza kwitegurira kuzohagarara bashikamye kuri uyo musi. Ibintu azobitunganya nk’uko yoba agomba kubazibira inzira mu kubabohesha ubutunzi bw’isi, mu kubikoreza umutwaro uremereye kandi ubatera kuganya ku buryo imitima yabo ibohwa n’imyitwarariko y’ivy’ ubu buzima maze umusi w’ingorane ubashikire giturumbuka.IB 438.1

    Kubera yuko itegeko rizoba ryasohowe n’abarongozi b’amashengero rirwanya abubahiriza amabwirizwa y’Imana rizoba ryatumye ubutegetsi bw’igihugu butaba bukibakingira maze rikabarekurira mu maboko y’abipfuza kubahonya; abantu b’Imana bazohunga ibisagara n’ibigwati maze bishire hamwe mu migwi, bose mu bibanza vya bonyene, ahantu batabonana n’abandi. Benshi bazoronka ubuhungiro mu mpatane z’imisozi. Nk’uko vyashikiye abakristo bo mu masoko y’i Piedmont, bazohindura imitumba ihanamye y’iyi si ubugerero bwabo kandi bashime Imana kubwo “Igihome c’amabuye.”(Yesaya 33:16) Ariko abantu benshi bo mu mahanga yose no mu migwi yose, aboroheje n’abahambaye, abatunzi n’abakene, abazungu n’abirabure, bazokwegerwa mu buja bwerekana akarenganyo katagira izina hamwe n’ubugizi bwa nabi. Abakundwa b’Imana bazobaho imisi mu maganya, bari mu ngoyi, bugaraniye mu mabohero, barindiriye gupfa, bamwe mbere ku buryo bugaragara bazobareka ngo bicwe n’inyota mu mwiza w’ubusho bwuzuye umwanda. Nta muntu n’umwe azoba ateze ugutwi iminiho yabo; nta kuboko kw’umuntu n’umwe kuzoba kwiteguye kubafasha.IB 438.2

    None Umwami azorekerana abantu biwe muri aya masaha yo kugosorwa? Mbega yararekeranye umwizigirwa Nowa igihe ibihano vyashika ku bantu babayeho imbere y’umwuzure? Mbega yararekeranye Loti igihe umuriro wakoroka uvuye mw’ijuru uja guturira ugatongora ibisagara vyo mu kiyaya? Mbega yaratereranye Yosefu akikijwe n’abasenga ibigirwamana muri Egiputa? Mbega yaratereranye Eliya igihe indahiro ya Yezebeli yamutera ubwoba kubera ivyari vyashikiye abahanuzi ba Bayali? Mbega yaratereranye Yeremiya mu mwiza w’ikinogo kirekire c’inzu yari abohewemwo? Mbega yaratereranye intwari zitatu z’Abayuda zari zaterewe mw’itanure ry’umuriro? Canke Daniyeli mu rwobo rwarimwo intare?IB 438.3

    “Ariko Siyoni ho haravuga, hat’Uhoraho yarampevye , Umwami Imana yaranyibagiye. Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw’ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bwiwe? Ni ko abo barashobora kwibagira ariko jeho sinshobora kukwibagira . Ehe ngushushanije mu biganza vyanje.”(Yesaya 49: 14-16) Umwami w’ingabo yaravuze: “Ubakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje.”( Zekariya2: 8)IB 439.1

    N’ubwo abansi bazobugaranira mu mabohero, impome zikomeye bazoba barimwo ntizizoshobora kubuza ugushikirana kw’imitima yabo na Kristo. Wa wundi abona intege nke zabo zose, yamenyereye ibigeragezo vyose, ari hejuru y’ubushobozi bwose bw’isi; kandi abamarayika bazobasanga aho babafungiye bonyene bazane umuco n’amahoro babikuye mw’ijuru. Ibohero rizohinduka nk’ikirimba; kuko abatunzi mu kwizera ari ho bagerereye; kandi ibihome vyuzuye umwiza bizorasiramwo umuco w’urumuri rwo mw’ijuru nk’uko vyashikiye Paulo na Sila igihe bariko basenga kandi baninahaza Imana mu gicugu bari mw’ibohero ry’i Filipi.IB 439.2

    Imana izohana abarondera gucinyiza no guhonya ubwoko bwayo . Ukwihanganira cane ababi kwatumye abantu bamogorera mu gucumura; ariko ata gukekeranya igihano cabo kirateguye kandi giteye ubwoba kuko cigijwe inyuma igihe kirekire. “Kuk’Uhoraho azohaguruka nk’uko yahagurutse ku musozi Perasimu, azoraka nk’uko yarakiye mu kiyaya c’i Gibeyoni; akore igikorwa ciwe c’igitangaza, ashitse igikorwa ciwe, igikorwa ciwe c’akumiza.”( Yesaya 28: 21) Igikorwa co guhana ntigisanzwe ku Mana yacu y’imbabazi. “Ndahiye ukubaho kwanje ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’umunyavyaha apfa”(Ezekiyeli 33: 11) “Ndi Uhoraho Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu bwinshi nteba kuraka... ngira ikigongwe cinshi mpora nd’umwizigirwa. Ariko simperereza urubanza k’utarugira.”(Kuvayo 34: 6,7) “Uhoraho ateba kuraka kand’afise ububasha bwinshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa.”(Nahumu 1: 3) Ibihano biteye ubwoba ni vyo izokoresha kugira ngo ihorere ubutegetsi bw’amabwirizwa yayo bahonyanze. Umuntu arashobora kugira iciyumviro c’ukuntu ico gihano ku bagizi ba nabi kizoba kiremereye afatiye ku kuntu Imana igonanwa mu kwihuta guca urubanza. Ihanga yihanganiye igihe kirekire kandi itazorekura ngo rikubagurwe ritaruzuza igikombe c’ububegito mu maso yimana, rizoruhira kunywa ku gikombe c’uburake bwimana kitavanze n’imbabazi.IB 439.3

    Igihe Kristo azoba arangije igikorwa ciwe co kutuvugira mw’ihema ryera ryo mw’ijuru, ubwo burake butavanze bugeramiye abo basenga igikoko n’igishushanyo caco kandi baronka ikimenyetso caco, buzosukwa. Ivyago vyateye muri Egiputa igihe Imana yari hafi gukiza ubwoko bwa Isirayeli bizoba bifise isano rya kamere n’ivyo biteye ubwoba cane hamwe n’ivyo bihano bikwiragiye hose bizosukwa kw’isi imbere y’uko habaho ugucungura ubwa nyuma abantu bimana. Yohana yaravyeretswe maze abivuga abidonda muri aya majambo: “Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw’isi abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko, bagasenga igishushanyo caco bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi. Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga gicika amaraso nk’ay’upfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa. Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe ku nzuzi no ku masoko bicika amaraso.” Ibihano bihambaye bizohorera ubutungane bwimana. ” Numva umumarayika wimana avuga at’uragororotse, uriho kandi wamyeho, uwera kuk’uciye iryo teka. Bavishije amaraso y’abera n’ayabavugishijwe nawe kand’amaraso nyene niy’ubahaye ngo banywe: birababereye.”( Ivyahishuriwe Yohana 16: 2-6) Mu gucira abantu b’Imana urubanza rwo kubica, bari bamaze gukora amaraso yabo nk’aho amaboko yabo ari yo yari yayasheshe. Ni muri ubwo buryo Yesu yagirije Abayuda bo mu gihe ciwe ko bari barakoze amaraso y’abera b’Imana yari yarasheshwe kuva mu gihe ca Abeli w’umugororotsi; bose barangwa n’agatima kamwe kandi barondera gukora igikorwa kimwe n’ico abo bishe abahanuzi.IB 439.4

    Mu cago cakurikiye, izuba ryahawe ubushobozi bwo “kubaburisha abantu umuriro. Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi.” (Ivyahishuriwe Yohana 16:8,9) Uku ni ko abahanuzi berekana ingene isi izoba imeze muri ico gihe giteye ubwoba: “Igihugu kiraganya.. .kukw’ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze.. ..Ibiti vyose vyo mu ndimiro birakabiranye: kuk’umunezero uherengeteye mu bantu. Imbuto zumiye mu masize; ibigega birasivye.. .Ewe kuntu amatungo yabagirana! Amasho y’inka aragangaraye kukw’ahebuye ubwatsi...Imigezi yakamye, kand’umuriro waturiye ubwatsi bwo mu bweranyange.”( Yoweli 1: 10-12, 17-20) “Kur’uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi : ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.” (Amosi 8: 3)IB 440.1

    Ibi vyago ntibizoshikira hose icarimwe, hamwe vyoba uko ababa kw’isi bose bozimangana. Ariko rero ni yo makuba aruta ayandi azoba ashikiye abantu bafise umubiri upfa kuri iyi si. Ivyago vyose vyashikiye abantu imbere y’uko igihe c’imbabazi kirangira, vyari bivanze n’imbabazi. Ugusaba ikigongwe kubwo amaraso ya Kristo vyabera inkinzo umunyavyaha bigatuma adahanwa ku buryo bwuzuye kubera ibigabitanyo vyiwe; ariko rero, ibihano vya nyuma azoba ari uburake bw’Imana busutswe budacanze n’imbabazi.IB 440.2

    Kuri uwo musi, abantu isinzi bazorondera ubwugamo musi y’imbabazi z’Imana bakengereye kuva igihe kirekire. “Eh’imisi izoza ni k’Umwami Uhoraho agize, nzoteza inzara mu gihugu, ntizoba ari inzara y’ivyo kurya canke inyota y’amazi, arik’izoba ari iyo kwumva amajambo yanje, jewe Uhoraho. Kandi bazonyavuta bakubita ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite I buraruko baje n’l burasirazuba, kugirango barondere ijambo ry’Uhoraho yamara ntibazoribona (Amosi 8: 11, 12)IB 440.3

    Abantu b’Imana ntibazobura gushikirwa n’umubabaro; ariko igihe bazoba bahamwa kandi batotezwa, mu gihe ata kintu na kimwe bazoba bafise kandi bishwe na kigoyi, ntibazorekeranwa ngo bazimangane. Iyo Mana yitwararitse Eliya ntizokwirengagiza umuntu n’umwe mu bana bayo bitanga. Wa Wundi aharura imishatsi iri ku mitwe yabo azobitwararika, kandi mu gihe c’ikigoyi, bazokwumva batunganiwe. Mu gihe ababi bazoba bishwe n’inzara hamwe n’akaranda, abamarayika bazokingira aberanda kandi babaronse ivyo bipfuza. Hariho isezerano kuri abo “bagendera mu bugororotsi”. « Bazohabwa ivyo kurya bibatunga, kand’amazi ntibazoyabura.”(Yesaya 33: 16) “Impahazwa n’abakene barondera amazi bakayabura urunmi rwabo rukagwa umwumwa; jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba.”( Yesaya 41: 17)IB 440.4

    “Nah’umusukoni utoshurika, cank’imizabibu ngo igire ico yama, n’icimburo c’imyelayo kikabura, n’umukuku ugahenebera mu ruhongore, ntihabe hakigira n’inka mu rugo: naho nyene abubahana Uhoraho bazonezerwa,bahimbarwe n’imana y’agakiza kabo.” (Habakuki 3: 17,18)IB 440.5

    “Uhoraho niwe muzigamyi wawe, Uhoraho ni we gitutu cawe i buryo bwawe. Izuba ntirizokwica ku murango canke ukwezi mw’ijoro. Uhoraho azokurinda ikibi cose; ni we azozigama ubugingo bwawe. “Kukw’ariyo izogukiza umutego w’umutezi, n’ikiza gihonya. Izokubundikira mu moya yayo kand’uzohungira musi y’ivyubi vyayo; ukuri kwayo n’inkinzo n’icuma co kwikingiriza. Ntuzotinyishwa n’igitey’ubwoba mw’ijoro cank’umwampi urashwe ku murango; cank’ikiza kigendagenda mu mwiza, canke n’agatikizo kayogeza mu mashoka. Abantu igihumbi bazohindikirana I ruhande yawe, n’ibihumbi cumi I buryo bwawe, ariko ntibizogushikako uzobirabisha amaso yawe gusa, ubone ingero y’abanyakibi. Wagize Uhoraho ubuhungiro bwawe Isumba vyose wayigize uburuhukiro; Nta kibi kizogira ico kikugira kandi nta cago kizokwegera ihema ryawe.”( Zaburi 121: 5-7; 91:3-11)IB 441.1

    Ariko rero mu maso y’umwana w’umuntu, bizogaragara yuko abantu b’Imana bategerezwa bidatevye gushingisha intahe ikidodo c’amaraso yabo nk’uko vyashikiye abamaratiri imbere yabo. Bazotangura ubwabo kwiyumvira yuko Umwami yabaretse ngo bagwe mu maboko y’abansi babo. Uzoba ari umwanya wo kuganya uteye ubwoba. Ku murango no mw’ijoro bazotakambira Imana ngo ibakize. Ababi bizobanezera maze babitambe ku muvyimba babaza bati : « none ukwizera kwanyu kuri hehe ? Ni kuki Imana itabakiza ngo ibadukure mu maboko nimba mu vy’ukuri muri abantu bayo ? Ariko aberanda bazokwibuka Yesu apfa ku musaraba i Karuvali maze abaherezi bakuru hamwe n’abarongozi bagakoma akaruru bamutwenga bati « Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene duheze tumwizere. »( Matayo 27: 42) Nk’uko vyashikiye Yakobo, abantu bose bazonyinyurana n’lmana. Iminkanyari yabo mu maso yerekana urugamba rubera imbere muri bo. Mu maso habo ntihazoba hakeye. Ariko ivyo ntibizotuma bareka kubandanya binginga batakambira Imana.IB 441.2

    Vyoshika abantu bakarabisha amaso nk’ayo mw’ijuru, bashobora kubona imigwi y’abamarayika b’inkomezi bakikije abubahirije ijambo rya Kristo bihanganye. N’impuhwe nyinshi, abamarayika barakurikiranye imibabaro n’akaga baciyemwo kandi barumvise ugusenga kwabo. Barindiriye ijambo rya kizigenza wabo kugira ngo babakure mu kaga barimwo. Ariko rero bategerezwa kwongera kurindira akandi kanya gato. Abantu b’Imana bategerezwa kunywera ku gikombe c’Umukiza kandi bakabatizwa umubatizo yabatijwe. Uguteba uko ari kwo kwose, n’aho kubababaza, ni yo nyishu ibereye ku masengesho yo kwinginga kwabo. Mu gihe bagira akigoro mu kurindira bizeye ko Umwami agira ico akoze, basanga bariko bamenyereza ukwizera kwabo, ivyizigiro hamwe n’ukwihangana batimenyerejemwo bikwiye mu gihe c’ubuzima bwabo mw’ishengero. Ariko ku neza y’abatoranijwe, igihe c’amakuba kizogirwa kigufi. “None mbeg’lmana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw’ijoro ... Ndababwira yukw’izorubacira vuba.” (Luka 18: 7, 8) Umuhero uzoshika vuba kuruta uko abantu bazoba bavyiteze. Ingano zizokwegeranywa maze zitekerwe mu miganda zishingurwe mu bigega vy’Imana; urwamfu rwo ruzotekerwa mu miganda kugira ngo ruturirwe n’umuriro utongora.IB 441.3

    Abarinzi bo mw’ijuru, badahemuka kuco basabwa gukora, babandanya gucungera. Naho ingingo rusangi yamaze kugena igihe hazokwicirwako abubahiriza amabwirizwa y’Imana, abansi babo mu buryo bumwe bazorondera gushira iyo ngingo mu ngiro kandi igihe cagenwe kitaragera; barondere ingene babankiriza ubuzima. Ariko rero, nta muntu n’umwe yoshobora kurengana abo barinzi bakomeye bahagarikiye umuntu wese w’umwizigirwa. Bamwe bazobatera bariko baragerageza guhunga ibisagara n’ibigwati; ariko inkota bazoba bababanguriye zizovunagurika maze zibakorokane ata bubasha zifise; zimeze nk’icatsi. Abandi nabo bazokingirwa n’abamarayika bafise ishusho y’intwari mu ntambara.IB 441.4

    Mu runganwe rwose Imana yamye irungikira abantu bayo abamarayika bera bo kubafasha no kubakiza. Ibiremwa vyo mw’ijuru vyaragize uruhara rukomeye mu bibazo bishikira abantu. Baraserutse bambaye urn warn baro uca ibibatsi, baraserutse bafise ishusho y’abantu bitwikiriye impuzu y’ingenzi. Abamarayika baraserutse mw’ishusho y’umuntu imbere y’abantu bimana. Bararondeye aho baruhukira nk’uko boba barushe, munsi y’ibiti vy’umurotemu ku murango uramye. Baremeye guhabwa indaro mu mihana y’abantu. Barakoze igikorwa c’uburongozi ku ngenzi zazimiye. Bakoresheje amaboko yabo, baradometse umuriro ku ruhimbi. Baruguruye inzugi z’amabohero kugira ngo babohore abakozi b’Umwami. Batwikiriwe n’icubahiro co mw’ijuru, baraje batembagaza ikibuye bari bugaje imva y’Umukiza.IB 442.1

    Bambaye ishusho y’abantu, abamarayika bama kenshi bari mu makoraniro y’aberanda; kandi baranagendera amakoraniro y’ababi, nk'uko bagiye i Sodomu kwandika ivyo abantu baho bakora, kwerekana nimba bari baramaze kurengana urubibe Imana idashobora kwihanganira. Imana ihimbarwa n’ukugira ikigongwe; kandi ku neza y’abantu bakeya bayikorera, irafatira ivyago maze igatuma abantu isinzi babaho batekaniwe. Ni akanya gatoya abacumura ku Mana bagatahura yuko ubuzima bwabo bufitiye ideni abizigirwa bakeya banezezwa no kwama batyoje kandi bagatetereza.IB 442.2

    Naho abatware b’iyi si batabizi, ariko kenshi mu manama bagira, abamarayika barayahawemwo ijambo. Amaso y’abantu yarababonye; amatwi y’abantu yarumvise ukwinginga kwabo; iminwa y’abantu yararwanije ivyiyumviro vyabo kandi iranebagura impanuro batanze; amaboko y’abantu yarabafashe nabi, arabakubagura. Mu mazu y’amanama hamwe no mu ngoro z’ubutungane, izi ntumwa zo mw’ijuru zarerekanye ko zikurikiranira hafi kandi zifatanije n’abantu mu bibashikira; barerekanye bo ubwabo ko bashoboye kuvugira abakandamijwe kurusha abari bazwi ko ari imvuzi ziruta izindi zijejwe kubavugira. Baraburijemwo imigambi kandi barahagarika abagizi ba nabi bari gushobora guhagarika igikorwa cimana maze bigatuma abantu bayo barushirizaho kubabara. Mu gihe c’akaga n’umubabaro “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora .’’(Zaburi 34:7)IB 442.3

    N’ukwihangana kwinshi, abantu bimana bazorindira ikimenyetso co kugaruka kw’Umwami wabo. Igihe bazobaza abarinzi bati: “Yewe mushibamyi ijoro rigeze hehe? Yewe mushibamyi ijoro rigeze hehe? Wa mushibamyi azobishura, ati “bugira buce kandi bwongere bwire.”(Yesaya 21:11,12) Umuco uriko uraseruka mu bicu bitwikiriye imisozi miremire. Bidatevye icubahiro ciwe kizohishurwa. Izuba ry’umugororotsi riri hafi kwaka. Umutwenzi n’umugoroba vyose biratwegereje - intango y’umusi w’amahoro ku beranda, n’uw’ijoro ry’ibihe vyose ku bagizi ba nabi.IB 442.4

    Mu gihe abasoda ba Kristo bazoba bariko baringinga Imana, igihuzu cabatandukanya n’ahatabonwa kizomera nk’igikuweho. Amajuru azokwakirizwa n’umuco w’umurango wamaho, kandi nk’ijwi ry’indirimbo z’umumarayika amajambo azokwumvikana mu matwi: “Muhagarare mushikamye ku vyo mwemera. Ubufasha buraje”. Kristo, intwari yatahukanye intsinzi, azozanira abasoda biwe bananijwe urugori rw’icubahiro kidapfa, kandi ijwi ryiwe rizokwumvikana riciye mu miryango yuguruye rivuga riti: “Raba ndi kumwe namwe! Ntimutinye. Ndazi imibabaro yanyu yose. Abansi banyu baramaze kuneshwa. Narabagwaniye, murushirizaho kunesha mw’izina ryanje.”IB 442.5

    Umukiza wacu azokwama aturungikira ubufasha mu gihe tuzoba tubukeneye. Inzira ija mw’ijuru yatunganijwe n’amakanda y’ibirenge vyiwe. Ihwa iryari ryo ryose riducumita ku birenge nawe ryaramucumise. Umusaraba wose dusabwa kwikorera yarawikoreye imbere yacu. Umwami arareka hakaba amadidane, kugira ngo adutegurire amahoro. Ibihe vy’amakuba ni akayunguruzo gateye ubwoba ku bantu b’Imana ariko ni naco gihe ku mwizera wese w'ukuri co kuraba hejuru, hanyuma kubwo ukwizera akabona atwikiriwe n’umunywamazi w’amasezerano y’lmana. “Nukw’abacunguwe n’Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero utazoshira uzohora ku mitwe yabo; bazoronka umunezero n’uguhimbarwa, kand’umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga vyambuke. Ni jewe, ni jewe nyene mbahumuriza; urinde utinya umuntu, kand’azopfa ; n’umwana w’umuntu, kandi azohinduka nk’ivyatsi ? Ukibagira Uhoraho Umuremyi wawe.. .maz’ukiriza umusi utinya uburake bw’uhahaza, iyo yiteguye guhonya: non’uburake bw’uhahaza buri hehe? Abafashwe mpiri bakambukanwa bazorekurwa vuba; ntibazopfa ngo baje muri rwa rwobo, kand’ivyo kurya vyabo ntibizobura. Kuko jewe ndi Uhoraho Imana yawe, ntera ikiyaga gusuriranya, imipfunda yaco ikabomborana: Uhoraho nyene ingabo ni ryo zina ryanje. Kandi nshize amajambo yanje mu kanwa kawe, ngutwikirije igitutu c’ukuboko kwanje.”(Yesaya 51: 11-16)IB 443.1

    “None rero ni wumve ibi wa mpahazwa we, uborewe utanyoye vino: uku ni k’Umwami wawe Uhoraho agize, ari we Mana yawe iburanira abantu bayo, it’ehe nkuye ca gikombe co kudandabagirana mu kuboko kwawe, ni ko ka gakarabo, ariko gikombe c'uburake bwanje; ntuzosubira kukinywako ukundi: ngiteretse mu kiganza c’abaguhahaza, c’abakubarira bat’ubika inda tuguceko; nawe ugatega mu mugongo hawe nko hasi, canke nk’inzira, ngo bahahite.” Yesaya 51: 21 -23 Ijisho ry’Uhoraho ryitegereza ingene ibihe bigenda bikurikirana, ryarabona ibihe bigoye abantu bayo bategerezwa gucamwo, igihe ubushobozi bwo kuri iyi si buzoba bwagize urunani rwo kubarwanya. Nk’abantu bafashwe bakajanwa ka bunyagano, bazotinya ko babicisha inyota canke ukubagirira nabi. Ariko wa Wundi nyene ubweranda yagaburamwo kubiri ikiyaga gitukura imbere y’Abisirayeli, azokwerekana ubushobozi bwiwe bukomeye maze abakure mu bunyagano. “Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubwanje; kandi nzobagirira ikigongwe nk’uko umuvyeyi akigirira umwana wiwe amukorera.”(Malaki 3:17)IB 443.2

    Iyaba amaraso y’ivyabona vyizigirwa vya Kristo yari asheshwe muri kino gihe, ntiyomera nk’amaraso y’abamaratiri yabaye nk’imbuto ziteragiwe kugira ngo zizokwame umwimbu uhoraho. Ukuba intamuheba kwabo nticoba igishingantahe co kwemeza abandi ukuri; kuko imitima yabo ikomantaye yarirukanye imihamagaro y’imbabazi ku buryo itazokwongera kwumvikana ukundi. Hamwe ubu abagororotsi borekurirwa mu maboko y’abansi babo bakabica, yoba ibaye intsinzi ku muganwa wo mu mwiza. Umunyezaburi avuga ati: “Kuko ku musi w’amagorwa azonzigama ampisha mw’ihema ryiwe, mu bwigobeko bwo mw’ihema ryiwe niho azompisha.” (Zaburi 27: 5) Yesu nawe yaravuze ati: “Wa bwoko bwanje ngwino winjire mu nzu yawe, wiyugarane, ube urihishije akanya gato, gushitsa ah’ubushangashirwe buzoshirira. Kuk’Uhoraho ariko arava iwe azanywe no guhanira ababa mw’isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.” (Yesaya 26 : 20, 21) Ugukizwa kw’abarindiriye bihanganye ukuza kw ‘Umwami kandi amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo, kuzoba ari ukw’icubahiro.IB 443.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents