Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 40 - Ugucungurwa Kw'abantu B’imana

    Igihe ugukingirwa n’amategeko y’abantu kuzoba kwakuwe kuri abo bubahiriza amabwirizwa y’Imana, hazobaho mu bihugu bitandukanye, kurondera kubicira icarimwe. Mu gihe umwanya wagenywe n’iryo tegeko uriko uregereza, abantu bazoja inama yo guhanagura ako karwi banka urunuka. Hazofatwa ingingo y’uko mw’ijoro rimwe bazobajaniranya bakabakubita ubutavyuka, maze bakaba banumishije amajwi yahora agumuka kandi akabagiriza.IB 444.1

    Abantu b’Imana bamwe bari mu busho bw’amabohero, abandi binyegeje mu bibanza vyihereye mu mashamba no mu misozi - bazobandanya basaba uburinzi bw’Imana, mu gihe mu gice cose c’umwaka, imirwi y’abantu bafise ibirwanisho, basunitswe n’ingabo z’abamarayika bacumuye, bazoba bariko bitegurira igikorwa co kwica. No muri ico gihe, mu mwanya w’iherezo, Imana ya isirayeli izokwiyerekana : izohagarara kugira ngo icungure abantu bayo. Uku ni ko Umwami avuga : « Nuko muzogira indirimbo nk’iyo baririmba mw’ijoro ku musi mukuru wera; muzogira n’umunezero wo mu mutima nk’uw’umuntu ...aja ku musozi w’Uhoraho, ngw’ashikire igitandara c’Abisirayeli.Kand’Uhoraho azotuma ijwi ryiwe ry’icubahiro ryumvikana, azokwerekana ugukubita kw’ukuboko kwiwe mu bushangashirwe bw’uburake, no mu rubeya rw’umuriro utongora, no mu gusegenyuka kw’imvura n’ikirura n’iminana y’urubura.»( Yesaya 30:29,30)IB 444.2

    Bakoma akaruru k’intsinzi bavuga amajambo y’agakengero no gutukana, isinzi ry’abantu b’abagizi ba nabi bazoba bari hafi gusimbira ku beranda ngo babatsiratsize, mu gihe umwiza w’umuzitanya uremereye kurus ha umwiza wo mw’ijoro uzotwikira isi. Maze umunywamazi ukayanganishwa n’icubahiro co ku ntebe y’inganji y’lmana, uzoseruka mu kirere maze use nk’uko ukikuje umurwi wose uri mu masengesho. Rya sinzi ry’abantu buzuye ishavu rizohagarara. Ya majambo yabo y’agakengero azozimangana. Ba bantu bari biteze gutako ishavu bakabica bazobibagira. Bafise ubwoba bwinshi, batazi ibigiye gushika, bazoraba ikimenyamenya c’isezerano ryimana maze barondere aho bokwikinga ubwiza badashobora kurabisha amaso. Abana bimana bazokwumva ijwi ritomoye ririmba ribabwira riti : « Raba hejuru ”, maze batumbereje amaso yabo mw’ijuru, bazobona umunywamazi w’isezerano. Vya bicu vy’ishavu vyirabura vyari vyatwikiriye ikirere bizokweyuka, maze nk’uko vyashikiye Sitefano bazoraba ata kibakingira mw’ijuru maze babone icubahiro cimana hamwe n’umwana w’umuntu yicaye ku ntebe yiwe y’inganji. Mw’ishusho yimana azoba afise, bazobona ibimenyetso vy’ugucishwa bugufi kwiwe ; maze bumve hasohoka mu kanwa kiwe igisabo ashikiriza imbere ya Se hamwe n’abamarayika bera. « Ndagomba kw’ aho ndi abo wampaye na bo bahabana nanje. »(Yohana 17: 24) N’ubu nyene ijwi ry’indirimbo n’intsinzi rizokwumvikana rivuga riti : « Bararengutse! Bararengutse ! Abera, batagira agasembwa kandi batiyanduje. Barazirikanye kandi baragumije ijambo ry’ukwihangana kwanje, bazogendera hagati y’abamarayika;» maze iminwa yumye kandi ijugumizwa y’ivyabona vya Kristo, abantu bakomeje kuba abizigirwa ntibahugumba, izotera impundu z’ishimwe n’intsinzi.IB 444.3

    Mu gicugu c’ijoro ni co gihe Imana yatoranije gukiza abantu bayo. Abanyabibi bakibashinyaguriza izuba rica riraseruka, maze ukwezi kurijima. Abanyabibi batangajwe no kubona ico gitangaza, ariko abera bo banejejwe no kubona ibimenyetso vy’agakiza kabo. Ibimenyetso n’ibigeragezo bikurikirana vuba cane. Ikintu cose wamenga cahindutse ntikikiri uko cahora. Imigezi yarahagaze ijuru ryuzura ibicu biremereye vyirabura cane, biriko birasekanira mu kirere. Mugabo hariho ahantu hamwe gusa har’ubwiza n’agacerere, ahantu ijwi ryimana ryumvikaniye rimeze nk’iry’amazi menshi, rivuga riti: « Karabaye »IB 445.1

    Iryo jwi ryanyigangije isi n’ijuru, habayeho umutigito uhambaye w’isi! « Habaho no gutigita kw’isi guhambaye; nta gutigita kunganya n'ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho uhereye ah’abantu bakabonekeye kw’isi. »(Ivyahishuriwe Yohana 16:17,18) Ijuru ryaruguruka kandi rikugarwa, har’inkuruma nyinshi. Imisozi yaranyiganyiga nk’imigano iriko irahuhwa n’umuyaga, igashibagurira ibitandara vyayo hirya no hino. I kiyaga kigaseba nk’inkono ibira, giterera amabuye hejuru. Harumvikanye igihuhusi c’umuyaga kimeze nk’amajwi y’abadayimoni bajejwe igikorwa co gusambura. Isi yose yariterera ikongera igasubira hasi nk’ibisebuzi mu kiyaga. Yarasenyaguritse. Ishingiro ryayo wogira ngo ryari ryazimanganye. Imisozi miremire yaranyitse. Amazinga abamwo abantu yarazimanganye. Ibivuko vyari vyahindutse nka Sodomu kubwo ubugizi bwa nabi vyararengewe n’amazi yavyuye ingunza. Babuloni ihambaye yari yibutswe imbere yimana « ngo hahabwe agakarabo ka vino y’uburake bwayo bw’inkazi. » Urubura ruhambaye ibuye rimwe ryarwo « ririvye nk’itaranto » rwaranguye igikorwa carwo co gusambura. (Ivyahisuriwe Yohana 16 : 19, 21) Ibisagara birangwa n’ubwibone vyarasambuwe. Ibibanza vy’icubahiro abahambaye bo kuri iyi si baherejemwo itunga ryabo kugira ngo bishire hejuru bisambukira imbere y’amaso yabo. Ibihome vy’amabohero vyarasambutse, maze abantu bimana bashizwe mu buja bahowe ukwizera kwabo baronswa ukwidegemvya.IB 445.2

    Imva zizokwuguruka «Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw’ivu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira abandi bikangurire ubumaramare n’ibiteterwa bitazoshira.» (Daniyeli 12 :2) » Abo bose bapfuye bizeye ubutumwa bwa marayika wa gatatu bavuye mu mva bambaye icubahiro, bumviriza aho Imana iganira n’abubahirije amabwirizwa yayo isezerano ry’amahoro. «N’abamucumise na bo »(lvyahishuriwe Yohana 1 : 7), abaneguye bagatwenga Kristo ariko araniha agiye gupfa, hamwe n’abantu biwe, bazosohoka mu mva kugira bamubone mu cubahiro ciwe kandi babone iteka ritewe abagamburutse bakaba intamuheba.IB 445.3

    Ibicu biremereye biracatwikiriye ijuru ; ariko noneho izuba riza riracishamwo rikaboneka, nk’uko ryoba ari ijisho ryo kwihora rya Yehova. Imiravyo ikurakuranwa mw’ijuru ririmwo imituragaro y’inkuba iteye ubwoba, amajwi adasanzwe kandi ateye ubwoba yaramenyesheje ko akaga gashitse ku babi. Amajambo yashikirizwa ntiyatahurwa n’abantu bose, ariko mu buryo budasanzwe yatahurwa na ba bigishwa b’ibinyoma. Abo mu kanya gato karenganye bishima, bakirarira kandi bagakengerana, bakanezererwa no kugirira nabi abantu bubahiriza amabwirizwa y’lmana, noneho barengewe n’ukwihebura kandi batekewe n’ubwoba. Akaruru kabo k’umwiheburo kumvikana hejuru y’ibintu vyose. Abadayimoni baremera ko Kristo ari Imana kandi baradegedwa imbere y’ububasha bwiwe, mu gihe abantu kubwo guta umutwe kubera ubwoba, bariko baringinga ngo bagirigwe ikigongwe maze bakivumbagaza mu mukungugu.IB 446.1

    Umuhanuzi aho hambere, mu gihe yariko yerekwa ivy’umusi w’Imana yaravuze ati : «Ni muboroge kuko umusi w’Uhoraho uri hafi ; uzoza ari umusi wo guhonya uvuye kw’Ishobora vyose » (Yesaya 13 :6) «Injira mw’isenga wihishe mu mukungungu, uhunge uburake bw’Uhoraho n’ubwiza bw’icubahiro ciwe. Kurabana agakengerwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubwibone bw’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kuri uwo musi. Kuk’Uhoraho Nyene ingabo afitiye umusi abibona bose , abakengerana, n’abishira hejuru bose, kandi bazociswa bugufi. » « Kuri uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwama vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngo abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema, aje mu masenga yo mu bitandara, no mu bihoro vyo mu bitandara nyene, ahunge uburake bw’Uhoraho n’ubwiza bw’icubahoro ciwe; ahazohaguruka gutigitisha isi»(Yesaya 2 :10-12, 20,21)IB 446.2

    Ibicu vyareyutse akantu ide maze bibonesha inyenyeri yaca ibibatsi ku buryo buhushanije n’umwiza wariho nk’incuro zine. Ku bizera, iyo nyenyeri yerekana ivyizigiro n’umwizero, ariko ku bakandagiye amabwirizwa y’Imana yerekana ukugumirwa hamwe n’uburake. Abari barahebeye vyose Kristo noneho bari mu mutekano, « binyegeje nk’abari mw’ibohero ry’Umwami ». Baragosowe bihagije kandi bareretse uwabapfiriye ko ari abizigirwa imbere y’isi hamwe n’ababakengera. Ihinduka rikomeye ryarabonetse kuri abo babaye inyanka mugayo bakabihagararira n’imbere y’urupfu. Mu buryo batari biteze barakijijwe umwiza hamwe n’ububisha bukomeye bw’abantu bari bahindutse dayimoni. Mu maso habo hari higeze kwijirirwa, herekana ukwiganyira no gukekeranya noneho herekana ugushima, ukwizera n’urukundo. Amajwi yabo akoranirizwa hamwe mu kuririmba indirimbo y’intsinzi : « Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi zacu, ni Umufasha atabura guseruka mu magorwa. Ni co gituma tutazotinya nah’isi yohinduka nah’imisozi yoshingurwa ikaja mw’idamba ry’ibiyaga; nah’amazi yavyo yobomborana, agasuriranya, nah’imisozi yotigitishwa no kwiterera hejuru kwayo. »(Zaburi 46: 1-3) IB 446.3

    Mu gihe aya majambo yerekana ukwizigira kweranda yaduzwa ku Mana, ibicu vyareyutse maze haboneka ijuru ririmwo inyenyeri, ryuzuye icubahiro kitagira uko kivugwa ugereranije n’ikirere ciraburaniwe kandi cerekana ishavu kiri ku rundi ruhande. Icubahiro c’igisagara c’ijuru kibonekera mu marembo yaco yari yuguruye. Aho haciye haboneka mw’ijuru ukuboko gufise ibisate bibiri vy’amabuye biri hamwe. Uvugishwa n’lmana yari yaravuze ati : « Ijuru rizoserura ukugororoka kwayo: kukw’Imana ubwayo ari yo mucamanza. » (Zaburi 50: 6) Iryo bwirizwa ryera ryerekana ubutungane bw’Imana, ryashikirijwe kuri Sinayi, hagati y’imituragaro hamwe n’imbeya z’umuriro nk’indongozi yonyene y’ubuzima rihishuriwe abantu noneho nk’urufatiro rwonyene rwo guca urubanza. Ukuboko kwazinguruye ivyo bisate, maze haca haboneka amabwirizwa cumi y’Imana yandikishijwe ikaramu y’umuriro. Yanditswe mu ndome zigaragara ku buryo abantu bose bayasoma. Habayeho kwibuka; umwiza w’ubutamenya hamwe n’ikinyoma wareyutse mu vyiyumviro vy’abantu ; maze amajambo cumi y’Imana, magufi, yumvikana, yuzuye ubushobozi abonwa n’abantu bose bo kw’isi.IB 447.1

    Ni ikintu kidashoboka kwerekana ugucika intege hamwe n’ukwihebura kw’abazoba barakandagiye amabwirizwa yera y’Imana. Umwami yabahaye amabwirizwa yiwe ; bari kuyisunga mu kuringaniza kamere zabo maze bagashobora kwibonako utunenge mu gihe vyari bigishoboka ko bihana kandi bakivugurura; ariko mu ntumbero yo kurabwa neza n’isi bashize ku ruhande ivyo asaba maze bigisha n’abandi kutayubahiriza. Baragerageje guhimiriza abantu b’Imana ngo bazirure Isabato yayo. Ubu rero baciriwe urubanza n’ayo mabwirizwa nyene bakengereye. Mu buryo bugaragara, barabona ko ata mbabazi zibakwiriye. Barihitiyemwo uwo bokorera kandi bosenga. «Aho ni ho muzosubira kumenya yuko hari itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ukorera Imana n’utayikorera. »(Malaki 3: 18) Abansi b’amategeko y’Imana, uhereye ku bapasitori ugashika ku bantu ba nyarucari mu bandi, bafise uburyo bushasha bwo kubona ukuri n’amabanga bajejwe. Bazobona, ariko baracerewe yuko Isabato nk’uko iboneka mw’ibwirizwa rya kane ari ikidodo c’Imana nzima. Bazobona, ariko bacerewe akarangamutima k’ukuri k’umusi w’ikiruhuko c’ikinyoma bishiriyeho hamwe n'umushinge w’umusenyi bubatseko. Bazobona ko ico gihe cose bakimaze barwanya Imana. Abigisha b’amadini bajanye abantu mu mahonero mu gihe bizeza ko bariko barabatumbereza mu marembo ya Paradizo. Hatarashika umusi wa nyuma wo gushira ibintu vyose ahagaragara ntihazoba haramenyekana ingene abantu bafise amabanga yejejwe bafise uruhara ruhambaye n’ingene inkurikizi z’ukutaba inyankamugayo kwabo ziteye ubwoba. Ubuzima bw’ibihe vyose buzokwerekana neza na neza uruhombo ruhoraho rwo gutakaza umuntu n’umwe. Bizoba biteye ubwoba kuri abo bose Imana izobwira aya majambo : « Ni mumve i ruhande, mwa bakozi babi mwe ! »IB 447.2

    Ijwi ry’Imana ryumvikaniye mw’ijuru rimenyesha umusi n’isaha vyo kugaruka kwa Yesu, kandi rimenyesha abantu bayo isezerano ry’ibihe vyose. Nk’imiravyo y’umuturagaro irusha iyindi gukomera, amajambo yayo yamenyekanye kw’isi hose. Ubwoko bwa Isirayeli bwarayumvirije, amaso yabo bayatumbereje mw’ijuru. Mu maso habo hamurikiwe n’icubahiro cayo kandi haca ibibatsi nk’uko mu maso ya Mose hari hameze igihe yamanuka ava ku musozi Sinayi. Ababi ntibashobora kubaraba mu maso. Igihe rero abahaye Imana icubahiro mu kwitondera Isabato yayo yera bariko barahezagirwa, habayeho ugukoma akaruru gakomeye k’intsinzi.IB 447.3

    Bidatevye habonetse mu buseruko agacu gatoya kirabura, kangana n’igice c’ikiganza c’umuntu. Ni igicu gikikuje Umukiza kandi ukirabira kure wogira ngo gitwikiriwe n’umwiza. Abantu bimana barazi yuko ari ikimenyetso c’Umwana w’umuntu. Mu gacerere ntangere, baragihanze amaso uko cagenda kiregereza isi kirushirizaho gukayangana no kugira icubahiro cinshi, gushika aho cabaye igicu cera kinini, musi yaco haboneka icubahiro nk’ico umuriro utongora, hejuru yaco haboneka umunywamazi w’isezerano ryimana. Yesu yari avyagiye kw’ifaransi ameze nk’intwari ku rugamba. Ubu si « umuntu w’umubabaro » wo kunywera ku gikombe c’umururazi c’akamaramaza n’isoni, araje nk’intwari yatsinze mw’ijuru no mw’si, gucira urubanza abapfuye n’abazima. «Umwizigirwa n’ Umunyakuri,” ” aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi. » (Ivyahishuriwe Yohana 19: 11, 14) baramukurikira. Isinzi ry’abamarayika bera batoharurika baramugendaniye baririmba indirimbo zo mw’ijuru. Ikirere cose cari cuzuyemwo « ibihumbi amajana n’amajana, n’ibihumbi n’ibihumbi » vy’ivyo vyaremwe vy’icubahiro. Ikaramu ntishobora kwandika ido n’ido ry’ivyo bihe bidasanzwe, kandi n’ubwenge bw’umuntu ntibushobora kugira iciyumviro c’ubwo bwiza. « Ubwiza bwiwe bwakwiye ijuru kandi isi yuzuye ishimwe ryiwe. Gukayangana kwiwe kwari nk’umuco. (Habakuki 3 :3,4) Uko ca gicu kizima cakomeza kwegereza, ijisho ryose ryarihweje umuganwa w’ubuzima. Nta rugori rw’amahwa noneho rutabagura mu ruhanga hiwe heranda; ahubwo hatwikiriwe n’ubwiza bw’icubahiro. Mu maso hiwe haca ibibatsi bihagije ku buryo bipfuka imishwarara y’izuba ry’umusase ryo ku mutaga. « Kandi ku mpuzu ziwe no ku bibero vyiwe afise izina ryanditse ngo UMWAMI W’ABAMI UGANZA ABAGANZA.»(Ivyahishuriwe Yohana 19: 16)IB 448.1

    Imbere y’inyonga ziwe, « abantu bose bazoba bijiriwe mu maso”, «abanse kwakira imbabazi zimana bashikiwe n’ubwoba bw’umwiheburo w’ibihe vyose” «Umutima wabavuyemwo, amavi arakomangana... mu maso ha bose harajonjogoye. »(Nahumu 2: 11) Abera bashira ijwi hejuru bajugumira : « Ninde ashobora kuzohagarara ashikamye ? Indirimbo y’abamarayika ntiyakomeje kwumvikana; haciye habaho agacerere gateye ubwoba. Maze Yesu aca yumvikanisha ijwi ryiwe avuga ati : « Ubuntu bwanje buraguhagije ». Maze mu maso h’abera huzura umuco, umutima wose wuzura umunezero. Maze abamarayika bongera gutera bundi busha ururirimbo, bagenda baririmba uko barushiriza kwegera kw’isi.IB 448.2

    Umwami w’abami aramanuka ku bicu, yitwikiye imbeya z’umuriro. Ijuru ririzinga bwa gitabo, isi ihinda agashitsi imbere yiwe, umusozi wose n’izinga ryose birimuka mu bibanza vyarimwo. « Imana yacu izoza kandi ntizocereza: imbere yayo umuriro uzotongora, izokikizwa irya n’ino n’inkubi y’umuyaga. Izohamagara ijuru ryo hejuru n’isi na yo; kugira ngo icire abantu bayo urubanza. »(Zaburi 50: 3,4)IB 448.3

    « Abami bo mw’isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mubitandara vyo ku misozi; babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko muduhishe inyonga z’ivyagiye kur’irya ntebe n’uburake bw’Umwagazi w'Intama; Kuk’umusi uhambaye w’uburake bwabo ushitse, kandi ninde ashobora guhagarara? »(Ivyahishuriwe 6: 15-17)IB 448.4

    Amajambo y’agakengero yarangiye. Iminwa ibesha yanumishijwe. Urwamo rw’ibirwanisho hamwe n’ugucika ivutu kubwo intambara, «hamwe n’akaruru kadatomoye n’impuzu zivumbagajwe mu maraso » bizohagarikwa. (Yesaya 9 :5) Nta kindi kintu cumvikana ubu uretse amajwi y’abantu basenga hamwe n’abarira hamwe n’abidoga. Iminwa yariko ivuga amajambo y’agatituro mu kanya gaheze iduza ijwi hejuru ivuga ngo : « Umusi uhambaye w’uburake bw’Imana urashitse kandi ninde ashobora guhagarara ashikamye ? Ababi baringinga ngo babe bonyegezwa musi y’ibitandara vy’imisozi aho kubona mu maso y’uwo bakengereye kandi bakamwihakana.IB 449.1

    Iryo jwi ryinjira rigashika mu matwi y’abapfuye, bararizi. Mbega ukuntu kenshi ukwingingana impuhwe kwabahamagariye kwihana ! Mbega ukuntu ryumvikanye kenshi mu biganiro vy’ukuremeshwa n’umukunzi, n’umuvukanyi, n’Umukiza ! Kuri abo banse kwakira ubuntu bwayo, nta kindi kintu cabacira urubanza ku buryo budasubirwako, cabagiriza ku buryo buremereye nk’ijwi ryabinginze igihe kirekire rivuga riti : «Enda ni muhindukire mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa? »(Ezekiyeli 33: 11) Mbega ukuntu barifata nk’ijwi ry’umunyamahanga. Yesu aravuga ati : « Ko nabahamagaye namwe mukanka; nkabakura ntihagire ubibabara; mukagaya inama zanje zose, mukanka kwihanikiriza kwanje. »(Imigani 1: 24-28) Iryo jwi ryabibukije ibintu vyinshi bipfuza ko vyoba vyarahanaguritse - imburi bakengereye, ubutumire banse kwitaba, akaryo bafashe minenengwe.IB 449.2

    Abo ni bo bakengereye Yesu igihe yacishwa bugufi. Amajambo y’Uwariko arababazwa, barayibuka mu vyiyumviro vyabo afise ubushobozi bukomeye, igihe yakankamirwa n’umuherezi mukuru, yarishuye icese ati: “Uherey’ubu muzobona Umwana w’Umuntu yicaye i buryo bw’Ububasha, aje mu bicu vyo kw’ijuru.’’(Matayo 26:64) Noneho bamubonye mu cubahiro, kandi bagiye no kuzomubona yicaye mu kuboko kw’iburyo kw’Ubushobozi.IB 449.3

    Abakengereye amajambo yashikirijwe avuga ko ari umwana w’Imana, noneho ubwanwa burapfutse umunwa. Muri bo hariho Herode yibona, yakengera izina ry’icubahiro ryiwe ry’ubwami maze akinginga abasoda bamutwenga ngo bamwambike urugori rw’ubwami. Muri bo harimwo abantu biyanduje ibiganza mu kumwambika impuzu isa n’agahama, bamushira mu ruhanga urugori rw’amahwa maze mu biganza vyiwe bitari bifise umutekano, bahashira intahe y’icitiriro, maze bunama imbere yiwe mu kurogota. Abantu bakubise mu maso umuganwa w’ubuzima kandi bakamucirako amate noneho ntibakimurabana ijisho riteye ubwoba ahubwo barondera guhunga bava imbere y’ubushobozi bw’icubahiro ciwe. Abamuteye imisumani mu biganza no kubirenge, umusoda yamucumise icumu mu rubavu, babona izo nkovu bafise ubwoba no kwicuza.IB 449.4

    Abaherezi n’abatware baribuka neza ariko batekewe n’agahinda ivyahsitse i Kaluvari. Baribuka bababaye ingene basunitswe na Satani bavuga bazunza imitwe bati “Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yimanure ku musaraba ubu nyene duheze tumwizere. Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye. ‘’(Matayo 27:42,43)IB 449.5

    Baribuka neza na neza umugani Yesu yabaciriye w’abarimyi banse gusubiza uwabahaye itongo ivyo bimbuye mu ruzabibu rwiwe, bafashe nabi abakozi yabarungikiye kandi bakica umwana wiwe. Baribuka kandi urubanza bo ubwabo babaciriye: nyene uruzabibu “abo babi azobica rubi” (Matayo 21:41) Mu caha no mu gihano c’abo barimyi batizigirwa, abaherezi n’abakuru mu bantu babonamwo ivyabashikiye hamwe n’igihano kibabereye. Baciye noneho bakoma akaruru nk’ako umuntu ariko aracikana. Karumvikana cane gusumvya ako bakomye bavuga bati: “Mubambe, Mubambe” kumvikanye mu mayira yose y’i Yerusalemu. Baratuye icese ariko bihebuye bati: “Ni umwana w’Imana! Ni Mesiya vy’ukuri.’’Barondera ingene bakinjura bakava imbere y’Umwami w’abami. Bagerageza kwinyegeza ariko bidashoboka mu masenga y’amabuye, no mu binogo vy’ahantu isi yahomaguritse.IB 449.6

    Mu kubaho kw’abo bose banse kwemera ukuri, harashika igihe umutimanama wabo wikangura, igihe ubwenge bwabo bubibutsa ubuzima bw’uburyarya babayemwo, aho umutima uremererwa n’ukwicuza ataco gushikanako. Ariko ivyo bihe ntaho wobigereranya n’ukwicuza kwo kuri uyo musi igihe ” Agatengo kanyu kazobafata nk’igihuhuta, ivyago vyanyu bibazingazinze nk’agashururu.” (Imigani 1:27). Abari kuba bazimanganije Kristo hamwe n’abantu biwe bamwizera noneho baribonera icubahiro kibakwikiriye. Mu gihe batekewe n’ubwoba bumva amajwi y’abera ateye igomwe avugana umunezero ati: “Eh’iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye nayo iradukiza.”( Yesaya 25:9)IB 450.1

    Mu gihe isi yariko iradegedwa, imiravyo isenyeranira mu kirere, imituragaro yasirana, ijwi ry’Umwana w’Imana ryahamagaye ngo basohoke mu mva barimwo, hanyuma atumbereza amaboko yiwe mw’ijuru, avuga cane ati: “Ikangure, Ikangure, Ikangure, wewe usinziriye mw’ivu, kandi uhaguruke.”IB 450.2

    Hirya no hino kw’isi, abapfuye bazokwumva ijwi ryiwe, kandi abazoryumva bazobaho. Kandi isi yose izohindira agashitsi musi y’ibirenge vy’isinzi ry’abantu bavuye mu mahanga yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu moko yose. Bazoba bavuye aho urupfu rwari rwarababoheye, bambaye icubahiro kidapfa, baterera ijwi hejuru bavuga bati: “Wa rupfu we intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we uruboyi rwawe ruri hehe?”(l Ab’i Korinto 15: 55). Maze abera bakiri bazima hamwe n’abahejeje kuzuka bazoshira amajwi hamwe batere akamo k’intsinzi banezerewe, umwanya mure mure,.IB 450.3

    Abo bose bazosohoka mu mva barimwo bafise igihagararo nk’ico bari bafise imbere y’uko babashingura. Adamu azoba ahagaze hagati y’izo ngabo zitabarutse, azoba ari ikigatanya kubwo uburebure bwiwe kandi azoba yubatse ku buryo buteye igomwe ariko Umwana w’lmana azoba amurusha kure igihagararo. Babona berekana ubudasa budasanzwe ubagereranije ku bantu b’urunganwe rwo mu bihe vya nyuma; ni naho habonekera ingene ikiremwa muntu cagiye gisubira inyuma. Ariko rero bose bahagurukanye itoto n’inguvu z’abantu bazokwamana ubusore. Mbere na mbere umuntu yari yaremwe mw’ishusho y’Imana, atari muri kamere gusa ariko no mu gihagararo no mu ndabo. Icaha carahanaguye kandi kirazimanganya ishusho y’Imana; ariko Kristo yari yaje gusubiza itoto icari carazimiye. Azohindura imibiri yacu ibora, ayitunganye ku buryo ayambika icubahiro nk’ico umubiri wiwe. Ishusho y’umubiri wacu upfa, wononekara, wagize agasembwa umaze kwononwa n’icaha, azowutunganya, ube mwiza kandi udashobora gupfa. Amarabaga yose hamwe n’ubumuga bizosigara mu mva. Kubera kwemererwa kwongera kurya ku giti c’ubugingo co muri Edeni bongeye kugereramwo, abakijijwe bazokura ku buryo bwuzuye bw’igihagararo c’umuntu akiri mu cubahiro ciwe ca mbere. Amarabaga ya nyuma yazanywe n’umuvumo w’icaha azokurwaho, maze abizigiye Kristo baseruke mu “bwiza bw’Umwami Imana yacu” mu vyiyumviro, mu mutima no ku mubiri bwerekana ku buryo bwuzuye ishusho itunganye y’Umwami wabo. Mbega ugucungurwa gutangaje! Kwavuzwe igihe kirekire; kwizigiwe igihe kirekire; kwarindiranywe ishaka ridasanzwe, ariko kutigeze kutahurwa ku buryo bwuzuye.IB 450.4

    Abera bazoba bakiri bazima bazohindurwa “mu kanya isase, mu kanya nk’ako gukubita urugohe” Aho ijwi ryimana ryumvikana bahawe icubahiro; kandi bahinduwe abazobaho ibihe vyose maze hamwe n’aberanda bazutse, bazoduganwa mu bicu gusanganira Umwami wabo mu kirere. Abamarayika bazokoraniriza hamwe abatoranijwe b’imiyaga ine kuva ku mpera y’isi ugashika ku yindi. Abana batoya bazosubizwa mu maboko y’abavyeyi babo n’abamarayika bera. Abagenzi batandukanijwe kuva kera n’urupfu bazokwongera gusubizwa hamwe ku buryo batazosubira gutandukana, maze baduge bari kumwe mu gisagara cimana baririmba indirimbo z’umunezero.IB 451.1

    Ku ruhande rwose rw’ico gitwazi, kigizwe n’ibicu hariho amababa kandi munsi yaco hariho amakurudumu mazima, maze mu gihe ico gitwazi catera kiduga mu kirere, ayo makurudumu yavuga cane ati: “Uwera” kandi n’amababa, yagenda avuga ati: “Uwera” kandi n’umurongo w’abamarayika bakishura bati: “” Uwera, uwera, uwera, Umwami Imana ashobora vyose.” Maze abacunguwe bakavuza akamo bati: “Haleluya” mu gihe ico gitwazi catera cegereza Yerusalemu nshasha.IB 451.2

    Imbere y’uko binjira mu gisagara cimana, Umukiza azokwambika abamwemeye bakamukurikira ibimenyetso vy’intsinzi maze abimikishe ikimenyetso c’inganji y’ubwami. Bazohagarara ku mirongo, bakayangana, bakoze icubako kimeze nk’ikwadarato, bakikuze Umwami wabo afise ishusho y’icubahiro kirengeye ico abera n’abamarayika; mu maso yabo hatwikiwe n’indabo yuzuye urukundo udashobora gusigura. Mw’isinzi ridaharurika, abacunguwe bose bazokubita urugohe baraba Umwami wabo: ijisho ryose rizokwihweza icubahiro c’uyo ” mu maso hiwe hari harataye isura, n’ishusho yiwe itari ikimeze nk’iyo abana b’abantu.” Yesu azoshira urugori rw’icubahiro ku mitwe y’abanesheje. Kuko umwe wese afise urugori rwiwe, rwanditsweko izina ryiwe nshasha hamwe n’iki candiko ngo: “Ubweranda bw’Uhoraho”. Ibiganza vyose bizohabwa ibisandasanda vy’intsinzi hamwe n’inanga ica ibibatsi. Maze igihe umumarayika ayobora abandi azotera ururirimbo, abera bose bazovuza inanga ku buhinga buhambaye, maze humvikane amajwi y’ivyuma acuraranzwe neza, menshi kandi aryoheye amatwi. Imitima aho izoba iri izoteragira maze ijwi ryose riduzwe mu ruririmbo rwo gushima rinezerewe: “Umwe adukunda yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe akaduhindura ubwami no kuba abaherezi bimana yiwe ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.” (Ivyahishuwe 1: 5,6)IB 451.3

    Imbere yishengero ridaharurika ry’abacunguwe hariho igisagara cera. Yesu azokwugurura inzugi zaco zikozwe mw’ifeza maze amahanga yagumije ukuri acinjiremwo. Aho ni ho bazobona Paradiso yimana, aho Adamu yari agerereye ataracumura. Maze rya jwi rihambaye gusumba ururirimbo ruhimbaye rutarigera rwumvikana na rimwe mu gutwi kw’umuntu., rizumvikana: “Intambara yanyu yarangiye”.“Ni muze, abahezagiwe na Data, ni mwinjire mu bwami mwateguriwe kuva mu ntango z’isi.” Noneho isengesho Umukiza wacu yasabiye abigishwa biwe rirashikijwe; “Ngomba yuko aho nzoba ndi abo wampaye bazoba bari kumwe nanje. “Bahagaze imbere y’ubwiza bwayo badafise agasembwa banezerewe cane” (Yuda 24), Yesu azoshikiriza Se abo yacunguje amaraso yiwe, avuga ati: “Ehe raba ndi hano, hamwe n’abana wampaye”. “Abo wampaye narabagumije bose.” Mbega ibitangaza vy’urukundo rwaducunguye, umunezero udasanzwe wo muri uwo mwanya aho Data, azoraba abacunguwe, akababonamwo ishusho yiwe, amarabaga y’icaha yazimanganye, inkovu zaco zarakuweho, umuntu yongeye kandi gushikirana nimana!IB 451.4

    N’ijwi ryuzuye urukundo, Yesu azoha ikaze abamwizeye gufatanya umunezero n’Umwami wabo. Umukiza azohimbarwa no kubona mu bwami bwiwe bw’icubahiro abakijijwe kubwo gucishwa bugufi hamwe n’imibabaro yiwe. Kandi n’abacunguwe bazofatanya nawe umunezero, igihe bazobona mu bahezagiwe, abagamriwe Kristo kubwo amasengesho yabo, ibikorwa hamwe no kwitanga kwabo. Igihe bazoba bakoranye bakikije intebe ihambaye yera y’inganji; umunezero utagira uko uvugwa uzokwuzura imitima yabo, igihe bazobona abo bazanye kuri Kristo, bakabona umwe yazanye abandi, kandi bano nabo bakaba bajanye mw’ijuru abo bandi basigaye, kugira ngo bakure ingori zabo ku mutwe bazirambike ku birenge vya Yesu, bame bamuhimbaza ibihe vyose.IB 452.1

    Mu gihe abacunguwe bazoba bahawe ikaze mu gisagara c’Imana, hazokwumvikana mu kirere akamo kadasanzwe ko gushima. Ba Adamu babiri bazoba bari hafi kubonana. Umwana w’Imana azoba ahagaze aramvuye amaboko kugira ngo asanganire Se w’ikiremwa muntu - abantu yaremye, maze bakamucumurako, kandi afitiye inkovu z’ivyaha bakoze ku mubiri wiwe. Ubwo Adamu azobona inkovu z’aho bamuteye imisumari, ntazoba akimugumbira, ahubwo mu guca bugufi azokubita inkoro ku birenge vyiwe avuga ngo: ‘icubahiro, icubahiro ni ico Umwagazi w’intama yacumiswe.” Umukiza azomuhagurutsanya uburwaneza maze amutumirire kwongera kuraba Edeni yigeze kugereramwo ariko hakaba hari haheze igihe kirekire yarayikuwemwo.IB 452.2

    Adamu amaze kwirukanwa muri Edeni, ubuzima bwiwe kw’isi bwari bwuzuye umubabaro. Ibabi ryose ry’igiti rikorotse, ikimazi cose gitanzwe, ugutituka uko ari kwo kwose kwabonetse mu vyaremwe, agasembwa kose kabonetse mu mibereho myiza y’abantu, vyamwibutsa bundi busha icaha ciwe. Umutima wiwe wama uremerewe no kwicuza guhambaye igihe cose yabona i ruhande yiwe ibigabitanyo vyiyongera, kandi, inyishu ku mburi ziwe zaba ukwagirizwa ko ari we nkomoko y’icaha. Mu guca bugufi yihanganye, hafi igihe c’imyaka igihumbi, yashikiwe n’ingaruka z’icaha yakoze. Yarihanye mu bwizigirwa icaha ciwe, maze yizera imbabazi z’umucunguzi yari yarasezeranywe, kandi apfana ivyizigiro vyo kuzozuka. Umwana w’Imana yacunguye umuntu mu kurwa no kunanirwa kwiwe; kandi noneho biciye mu gikorwa c’impongano, Adamu yarongeye kugerera mw’itongo yahozemwo.IB 452.3

    Yuzuye umunezero, yongeye kubona ibiti vyahora bimutera guhimbarwa - ibiti yigeze kwamurako ivyamwa vyavyo mu gihe yari mu munezero icaha kitaramubonekako. Yarabonye ibiti vy’inzabibu ubwiwe yari yaratuturiye, amashurwe yigeze kwama abungabunga. Ubwenge bwiwe bwaributse ivyo bikorwa vyose yigeze gukora, aca aratahura yuko ari Edeni vy’ukuri yanaguwe, iteye igomwe noneho gusumvya igihe yayirukanwamwo Umukiza azomujana ku giti c’ubugingo maze yamure ivyamwa vyaco biteye igomwe kandi abimuhe abifungure. Azoraba i ruhande yiwe maze abone abantu isinzi bacunguwe mu muryango wiwe, bahagaze muri Paradiso y’Imana. Azoca arambika urugori rwiwe rw’iteka ku birenge vya Yesu, maze yiterere mu maboko yiwe amugumbire. Azoca afata inanga yiwe y’izahabu, kandi mw’ijuru hose hazokwumvikana iyi ndirimbo y’intsinzi: “Araberewe, Araberewe, umwagazi w’intama yishwe kandi akaba yongeye kuba muzima.” Umuryango wa Adamu uzoca wifatanya nawe muri iyo ndirimbo maze bose barambike ingori zabo ku birenge vya Yesu, bamwunamire, bamusenge.IB 452.4

    Iryo koraniro ryakurikiranywe n’abamarayika bakoroye amosozi aho Adamu yagwa mu caha ariko kandi banezerezwa nuko Yesu amaze kuzuka, yaduze mw’ijuru asize yuguruye imva z’abo bose bazokwizera izina ryiwe. Ubu rero, bariko bihweza igikorwa co kuducungura ingene kirangiye, kandi bifatanya gutazira n’abariko baririmba indirimbo z’ishimwe.IB 453.1

    Ku kiyaga c’ibirahuri kiri imbere y’intebe y’inganji - ico ugukayangana kw’icubahiro c’lmana gutuma kiboneka nk’uko umuriro woba uvanze n’ibirahuri, niho hakoraniye umurwi w'abanesheje igikoko n’igishushanyo caco, n’ikimenyetso caco, hamwe n’igitigiri c’izina ryaco. Bari kumwe n’Umwagazi w’intama ku musozi Siyoni “bafise inanga z’Imana”, abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bacunguwe ngo bakurwe mw’isi; kandi humvikana ijwi nk'iry’amazi menshi asuma kandi nk’iry’inkuba ituragara cane; “ijwi numvise ry’abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.” Baririmba “indirimbo nsha” imbere ya ya ntebe y’ubwami; nta muntu yoshobora kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine. Ni indirimbo ya Mose hamwe n’Umwagazi w’intama - Indirimbo yo gucungurwa. Ntawoshobora kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine kuko ni indirimbo y’ubuzima baciyemwo, ubuzima babonyemwo ibintu ata bandi bantu babonye. “Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’aja hose.” Abo bamaze gukurwa mu baba kw’isi, bahawe agaciro “nk’umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.”(Ivyahishuriwe Yohana 15:2,3; 14: 1-5)IB 453.2

    “Aba ni bo bavuye muri wa mubabaro mwinshi”, bihanganiye ibihe bigoye vy’umubabaro wa Yakobo, bahagaze badafise umuntu wo kubavugira mu gihe uburake bw’Imana bwasukwa kw’isi. Ariko rero bacungujwe no kuba “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso yawa Wa Mwagazi.” “Nta kinyoma cabonetse mu kanwa kabo kuko batagira agasembwa imbere y’Imana.” “Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw’ijoro: kand’ivyagiye kur’irya ntebe izosanza amababa hejuru yabo.”Barabonye isi yugarijwe n’inzara n’akaranda, barabonye izuba rifise ubushobozi bwo guteza abantu ubushushe burenze urugero, kandi bo ubwabo barashikiwe n’inzara, inyota hamwe n’umubabaro. Ariko “Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’izuba ntirizobarabika cank’indugumba yose, kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira kand’azobashora ku masoko y’amazi y’ubugingo; kand’Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.”( I vyahishuriwe Yohana 7:14-17)IB 453.3

    Mu bihe vyose, abatoranijwe n’umukiza barigishijwe kandi batozwa indero mw’ishure ry’ingorane. Bagendera mu nzira ifunganye kw’isi; batunganirizwa mw’itanure ry’imibabaro. Kubwo gukunda Yesu, barabarwanije, barabanka kandi babavuga nabi. Baramukurikiye ahanzwe n’ibibazo bitoroshe; barashitse aho biyibagira kandi bashikirwa n’ibihe vy’umururazi. Ariko kubera ivyo bihe bigoye baciyemwo, barashoboye kubona ububi bw’icaha, ubushobozi bwaco, ivyo conona, n’amagorwa agendana naco; kandi bashoboye kukirabira kure bagitinya. Gutahura yuko hari ikimazi kidasanzwe catanzwe kugira icaha gitorerwe umuti vyabacishije bugufi, bibona ko ari abantu bato maze bituma imitima yabo yuzura ugushima no guhimbaza ivyo abatarigera bagwa mu caha badashobora kumenya ingene babiha agaciro. Barakunze cane kuko barahariwe ku rugero rudasanzwe. Kuko basangiye na Kristo imibabaro, biranakwiriye ko basangira nawe icubahiro afise.IB 453.4

    Abaragwa bimana bazoba bavuye ahantu hagoye, mu bibanza birim wo amazu ya ba nyarucari, mu mabohero, ku biti babaturirirako, mu misozi, mu bugaragwa, mu mpatane z’isi, hamwe no mu masenga yo mu kiyaga. Kuri iyi si “ntaco biha, bamana agahinda, bacuranguzwa.” Amamiliyoni y’abantu barazitswe mu mva bafise kuri bo ibimenyamenya ko babahohoteye kubera ko banse bashimitse kwisunga ibinyoma vya Satani. Amasentare y’abantu yabaciriye urubanza rw’abicanyi babi cane. Ariko noneho ‘imana ubwayo ni yo mucamanza. »(Zaburi 50:6) Noneho ingingo isi yari yarabafatiye zarasubiwemwo. “Ubumaramare bwo ku bantu biwe azobukura kw’isi yose.” (Yesaya 25: 8) “Kandi bazobita ihanga ryera, abacunguwe n’Uhoraho.” (Yesaya 62: 12) Yagenye ko baronswa “igitsibo mu gishingo c’umunyota, amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye.”(Yesaya 61:3) Ntibagifise intege nke ukundi, bagowe, basabagiye kandi ntibakandamijwe. Noneho bazokwamana n’Umwami ibihe vyose. Bahagarara imbere y’intahe y’inganji bambaye impuzu z’icubahiro kurusha abanyacubahiro isi yigeze imenya. Babambitse ingori z’icubahiro kumsha izo abaganwa n’abami bo kuri iyi si. Imisi y’imibabaro n’amarira yararangiye. Umwami w’icubahiro yarahanaguye amarira mu maso yabo bose; ikintu cose cabatera kubabara carakuweho.Mu gihe bariko barazungagiza amababi y’ibisandasanda, bateye ururirimbo rwo gutazira, rwumvikana, ruryoheye amatwi, kandi rworoshe. Amajwi yose yarashigikiranye, gushika aho ururirimbo yariko arashikiriza rwumvikanye mw’ijuru: “Agakiza ni akimana yacu ivyagiye kur’irya ntebe nak’Umwagazi w'Intama.” Maze ababa mw’ijuru bose bakirize bakoresheje aya majambo bati: “Amen. Umugisha no guhimbazwa n’ubwenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi ni ivyimana yacu ibihe bitazoshira.”(lvyahishuriwe Yohana 7: 10, 12)IB 454.1

    Muri ubu buzima, dushobora vyonyene gutangura gutahura gato ivy’umugambi uhambaye w’agakiza. Kubera yuko ugutahura kwacu gufise aho kugarukira, turazirikana neza isoni n'icubahiro ubuzima n’urupfu, ubutungane n’imbabazi, bibonekera mu musaraba; ariko nubwo hoba akigoro kameze gute ngo ubwenge bwacu bubitahure, ntitwoshikira insiguro yawo inengesereye. Uburebure n’ubwaguke, uburebure bw’amaja epfo n’ubw’amaja ruguru, bw’urukundo rwaducunguye ntitubutahura bikwiye. Umugambi w’agakiza ntuzotahurwa ku rugero rukwiriye mbere naho abacunguwe bazobona nk’uko babonwa bakamenya nk’uko bamenywa; ariko mu bihe bidashira, hazokwama hariho ikintu gishasha ciyongereye kur’abo bose barondera kandi banezerezwa n’ukumenya ivy’uwo mugambi. Naho amagorwa n’imibabaro hamwe n’ibigeragezo vy’isi bizoba vyaheze, hamwe n’icabitera kizoba cavuyeho, abantu bimana bazokwamana ubumenyi bisangije, butahura neza igiciro c’agakiza kabo.IB 454.2

    Umusaraba wa Kristo uzoba inyigisho n’indirimbo y’abacunguwe ibihe vyose. Muri Kristo yahawe icubahiro bazobonamwo Kristo yabambwe. Ntibizokwigera vyibagirana ko afise ubushobozi bwo kurema no gushigikira amasi adaharurika ari mw’itazanure; ko umukundwa wimana, Icubahiro c’ijuru, uwo abakerubi hamwe n’abaserafi bashimishwa no gusenga, - yicishije bugufi ubwiwe kugira ngo ashire hejuru umuntu yari yaracumuye; ko yishizeko ibigabitanyo n’ubumaramare bw’icaha ku musaraba wi Kaluvari, ko yanyegejwe mu maso ha Se, gushika aho umutima wiwe wamenaguwe ukajanjagurwa n’amakuba y’isi yazimiye. Kubona Uwaremye amasi yose, Ufise mu minwe kazoza kose, yaremeye akiyambura icubahiro ciwe maze akicisha bugufi we ubwiwe kubw’urukundo akunda abantu, bizokwama vyabereye abaremwe igitangaza hamwe n’impamvu yo gusenga kwabo bose. Ubwo amahanga y’abakijijwe azoraba umucunguzi wabo maze bakabona icubahiro c’ibihe vyose ca Se gikayanganira mu maso hi we; mu gihe bazoba bariko bararaba intebe y’inganji yiwe, izokwamaho ibihe vyose kandi bakamenya y’uko ubwami bwiwe butagira iherezo, bazoca berekanira umunezero wabo muri urn ruririmbo : “Umwagazi w’intama yishwe kandi akaducungurira Imana akoresheje amaraso yiwe y’igiciro, arabereye, arabereye.”IB 455.1

    Ibanga ry’umusaraba ni ryo risigura ayandi mabanga yose. Kubwo umuco umurika uvuye i Kaluvari, akaranga kimana kari katumye tugira ubwoba no guhinda agashitsi tukabona gateye igomwe kandi kadukwegakwega. Ubuntu, uburwaneza, n’urukundo rwa kivyeyi biboneka vyifadikanije n’ubweranda, ubutungane hamwe n’ubushobozi. Mu gihe turaba icubahiro c’intebe yiwe y’inganji ihambaye kandi ishizwe hejuru, tubona kamere yiwe ukuntu irangwa n’ubuntu, maze tugatahura kuruta uko vyahora, insiguro y’iri zina riteye igomwe: “Data wa twese!”IB 455.2

    Bizoboneka ko Ufise ubwenge butagira aho bugarukira atari kudukiza adatanze umwana wiwe nk’ikimazi. Akarusho kubw’ico kimazi ni umunezero wo kuzobona isi ibako abantu bacunguwe, beranda, banezerewe kandi bazokwamaho ibihe vyose. Intambara hagati y’umukiza wacu hamwe n’ubushobozi bw’umwiza izoshikana ku kugubwaneza kw’abacunguwe hamwe no ku cubahiro cimana ibihe bidashira. Ako ni ko gaciro k’umuntu Imana inezerererwa kubwo ikiguzi yatanze; kandi na Kristo ubwiwe, iyo abona umwimbu w’ikimazi gihambaye yatanze, biramushimisha.IB 455.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents