Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 42 - Intambara Irarangiye

    Imyaka igihumbi irangiye, Kristo azokwongera agaruke kw’isi. Azoba aherekejwe n’ingabo z’abacunguwe hamwe n’umurongo udahera w’abamarayika. Mu gihe azoba amanutse yambaye icubahiro giteye ubwoba, azogena ko ababi bapfuye basohoka mu mva barimwo kugira ngo bahabwe ubumaramare bukwiranye n’ivyo bakoze. Bazosohoka mu mva ari ingabo zikomeye zitagira igitigiri nk’umusenyi wo ku kiyaga. Mbega ubudasa ubagereranije n’abazoba bavuye mu mva ku muzuko wa mbere ! Abera bari bambaye inkomezi n’ubwiza bw’abasore bizokwamaho. Ababi bazoba bafise kuri bo ibimenyetso vy’indwara n’urupfu.IB 461.3

    Muri iryo sinzi ry’abantu, ijisho ryose rizohindukira kuraba icubahiro c’umwana w’lmana. Nk’ijwi ry’umuntu umwe, iryo sinzi ry’ababi rizovuga riti: « Arahezagiwe uje mw’izina ry’Umwami. » Ayo majambo ntibazoyavuga kubwo gukunda Yesu. Ubushobozi bw’ukuri buzotuma asohorwa n’iminwa idashaka kuyavuga. Nk’uko ababi bari binjiye mu mva zabo, n’ubu bazivuyemwo bagifise rwa rwanko banka Kristo hamwe na ka gatima ko kugumuka. Nta kindi gihe gishasha co kwihanganirwa bagifise ngo bashobore kugikosoreramwo utunenge twaranze ubuzima bwabo bwa kera. Kubigerageza nta na kimwe vyobamarira. Igihe bamaze mu buzima bwo kugabitanya ntivyatumye umutima wabo woroshwa. Hamwe bohabwa akandi karyo ko kwihanganirwa, bohava bagakoresha nk’ako bari baronse ubwa mbere, mu gukura agatima k’abantu ku vyo amabwirizwa y’Imana asaba hamwe no kubagumura ngo bayirwanye.IB 461.4

    Kristo azomanukira ku musozi wa Elayono, ha handi nyene, amaze kuzuka, yadugana ; ni naho abamarayika basubiriyemwo isezerano ry’uko azogaruka. Uku ni ko uvugishwa n'Imana avuga : «Maze Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose. » « Azohagarika ibirenge vyiwe ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba ; uwo musozi uzotemukamwo kubiri... Uzocikamwo uruhomoka runini cane.” ” Kand’Uhoraho azoba Umwami aganza isi yose ; kur’uwo musi Uhoraho azomenyekana kw’ari we gusa, n’izina ryiwe kw’ari rimwe gusa. » (Zekariya 14 : 5, 4, 9) Maze Yerusalemu nshasha, mu bwiza bwayo buteye igomwe, izomanuka ivuye mw’ijuru, yururukire mu kibanza cahumanuwe kandi citeze kuyakira ; kandi Kristo, ari kumwe n’abantu biwe hamwe n’abamarayika, bazokwinjira muri ico gisagara cera.IB 462.1

    Noneho Satani aritegurira urugamba rwiwe rwa nyuma rwo kwerekana ko ari agahambaye. Mu gihe yamaze kunyarwa ubushobozi yari afise kandi akaba atagishobora kugira uwo ahenda, umurwanizi yari ateye akababaro kandi yacitse intege ; ariko kubera yuko ababi bapfuye bari bazutse maze akabona isinzi ry’abantu ku ruhande rwiwe, ivyizigiro vyiwe vyarongeye gushinga imizi, maze yigira inama y’uko atovirira intambara ihambaye yatanguye. Azohinduka umutware w’ingabo zose z’abamarayika bacumuye afiseko ububasha maze agerageze ingene yoshikira imigambi yiwe abakoresheje. Ababi bahindutse imbohe za Satani. Kubera ko banse kwemera Kristo, bahisemwo gutegekwa n’umurongozi w’umugumutsi. Bariteguye kwemera ivyo abagishamwo inama no kumugamburukira. Ariko nk’uko yamye akoresha uburyarya, uwo mukuru w’abagumutsi ntiyiyerekana uwo ari we. Agerageza kwerekana ko ari we samuragwa nyezina w’isi kandi ko ivyo yari afiseko ububasha babimuzurumye. Yiyerekana imbere y’abantu bataye umutwe nk’umucunguzi wabo, abumvisha yuko ubushobozi bwiwe ari bwo bwabakuye mu mva barimwo kandi ko hasigaye gato akabakiza amarorerwa atagira izina abageramiye.Kubera yuko Kristo atarangwa aho hantu, Satani arakora ibitangaza kugira ngo ashigikire ivyo ariko aravuga. Abanyantege nke abatera inkomezi kandi abantu bose abatera umwete akoresheje mpwemu n’inguvu vyiwe. Yabagishije inama yo kubarongora kugira ngo barwanye uruhande rw’aberanda, kandi bigarurire igisagara c’Imana. Yuzuye ubwibone n'ishavu, azovyura agatima k’isinzi ry’abantu ridaharurika bavuye mu mva barimwo maze ababwire yuko nk’umurongozi wabo, ashoboye neza na neza kwigarurira igisagara maze agasubirana intebe yiwe y’inganji hamwe n’ubwami bwiwe.IB 462.2

    Muri iryo sinzi ry’abantu harimwo ababayeho igihe kirekire imbere y’umwuzure; abantu bari barebare b’igihagararo kibereye kandi b’ibigatanya mu bwenge. Bazokwisunga impanuro bahawe n’abamarayika bacumuye maze bace bemera gukoresha ubuhinga n’ubwenge bwabo mu kwishira hejuru ; abantu kubera ibikorwa bakoranye ubuhinga vyatumye isi ibafata nk’ibigirwamana ; ariko kandi ububegito bwabo hamwe n’ubugizi bwa nabi bwahumanije isi kandi bugatitura ishusho yimana, ari vyo vyatumye ibahanagura kw’isi yaremye. Harimwo abami n’intwazangabo mu ntwaramiheto rurangiranwa batsinze amahanga, abasoda b’indyamunyu batigeze baneshwa ku rugamba, bibona; abarwanyi, bafise ivyipfuzo bikomeye vyatumye ubwami butandukanye bujugumizwa. Nta hinduka iyabaye bamaze gupfa. Kubera yuko bari basohotse mu mva barimwo, ivyiyumviro bapfuye bafise ni vyo baciye bibuka bamaze kuzuka. Baracasunikwa n’agatima ko kwibona ko ari intwari, ni nako kabaranga igihe bava mu mubiri.IB 462.3

    Satani azoja inama n’abamarayika biwe hanyuma yifatanye n’abo bami, izo ntwari hamwe n’abantu bakomeye. Bazoraba ku ruhande barimwo bahabone inkomezi n’igitigiri kinini c’abantu bafise, maze bace bavuga ko ingabo ziri mu gisagara cera ari nke ugereranije nuko bo bangana; ko rero bashobora kuzomora. Bazopfundika umugambi wo kwigarurira ubutunzi n’icubahiro vya Yerusalemu nshasha. Bidatevye bose bazotangura kwitegurira urugamba. Abantu bazi ubuhinga bwo gukora ibirwanisho bazoba baronse igikorwa. Intwazangabo mu ntwaramiheto zabaye rurangiranwa ku rugamba, zizotegura ingabo zifise mu mirwi itandukanye kugira ngo zoroherwe mu rugamba.IB 463.1

    Impera n’imperuka, hazotangwa itegeko ry’uko bahaguruka bagatera, maze ingabo zidaharurika zitangure zitambuke - igisirikare ata ntwari ku rugamba n’imwe yari bwigere yiyumvira, wogira ngo ni abasirikare babayeho mu runganwe rwose, kuva igihe intambara yatanguriye kw’isi atabo wobiringanisha. Satani, intwari mu barwanyi, ni we azobitangira imbere, maze abamarayika biwe biyungunganye kugira ngo bagire igitero sindamusiga inyuma. Abami hamwe n’intwari mu ndwano, bazoba bari mu murwi wiwe, kandi ingabo amasinzi zizoba ziri mu mirwi itandukanye zibakurikiye, umurwi wose ufise uwuwutwara. Bakurikije ubuhinga gisoda, iyo mirwi mu rufatane izogendagenda kw’isi yahomaguritse, itaringaniye , batumbera igisagara Yerusalemu nshasha. Kw’itegeko rya Yesu, imiryango izokwugagwa, maze ingabo za Satani zikikuze ico gisagara, ziteguye kugitera.IB 463.2

    Noneho rero kandi, Kristo azokwongera yiyereke abansi biwe. Kure hejuru y’igisagara, mu kibanza gifise uburinganire bwiza gifise umushinge w’izahabu, hariho intebe y’inganji, ishizwe hejuru. Kuri iyo ntebe y’inganji hicaye umwana wimana, kandi i ruhande yiwe hariho abagize ubwami bwiwe. Nta rurimi wobona uvugamwo ubushobozi n’icubahiro vya Kristo, nta n’ikaramu yoshobora kuvyandika. Icubahiro ca Data w’ibihe vyose gitwikiriye umwana wiwe. Ugukayangana kwiwe kwuzuye igisagara cimana kandi gushika kure no hanze y’inzugi z’igisagara, kukuzuza kw’isi yose imishwarara y’ugukayangana kwiwe. Hafi cane y’iyo ntebe y’inganji havyagiye abigeze kuba bakorera Satani n’ishaka ryinshi; ariko ubu bameze nk’igishirira cokowe mu muriro, bakurikiye Umukiza wabo n’ukwitanga kwinshi kuvuye i bwina bw’imitima yabo. Ababakurikira nabo batunganije kamere y’ubuzima bwabo rukristo hagati y’ububeshi hamwe n’ukutizigirwa, abo bubahirije ibwirizwa ry'Imana igihe abakristo bo kw’isi n’abantu isinzi bo mu runganwe rwose, babaye abamaratiri bahowe ukwizera kwabo. Abo bakurikirwa “n’ ishengero ryinshi ata woshobora kuriharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose, n’indimi zose, bahagaze imbere y’Umwagazi w’lntama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe . “(Ivyahishuriwe Yohana 7: 9) Intambara yaheze, intsinzi yabonetse. Barangije ihiganwa none bahawe impera. Ibisandasanda biri mu minwe yabo ni ikimenyamenya c’intsinzi batahukanye, umwambaro wera bambaye ni ikimenyamenya c’ubweranda bwa Kristo ubu basangiye nawe.IB 463.3

    Abacunguwe baduza amajwi baririmba indirimbo ihanahanwa ikumvikana mu kirere c’ijuru hose: “Agakiza nak’Imana yacu ivyagiye kuri irya ntebe hamwe nak’ Umwagazi w’I ntama.”(l vyahishuriwe Yohana 7: 10) Maze abamarayika n’abaserafi bashira amajwi yabo hamwe basenga. Kubera ko abacunguwe babonye ububasha n’uburiganya bwa Satani, barabonye kurusha uko bari basanzwe babizi ko ata bushobozi kiretse ubwa Kristo bwari gushobora gutuma banesha. Muri iryo sinzi ry’abantu bakayangana kubera ubwiza bubatwikiriye, nta n’umwe yokwubahuka kuvuga ko agakiza yakaronse kubwo ububasha bwiwe, nk’uko ubushobozi n’ineza vyabo ari vyo vyabashikanye ku ntsinzi. Nta kintu na kimwe kivurwa kuvyo bakoze canke ku bihe bigoye baciyemwo; ariko indirimbo ibaraje ishinga, iciyumviro nyamukuru bahoza ku munwa ni iki ngo: “agakiza ni ak’ Imana yacu hamwe n’umwagazi w’intama”.IB 464.1

    Imbere y’isinzi ry’ikoraniro ry’abantu baba kw’isi no mw’ijuru, igikorwa ca nyuma co kwambika umwana w’lmana urugori kizorangurwa. Noneho amaze kwimikanwa icubahiro gihambaye n’ubushobozi, Umwami w’abami azoshikiriza urubanza rw'abarwanije intwaro yiwe maze ashire mu ngiro ibihano vyafatiwe abo bakandagiye ibwirizwa ryiwe kandi bagatoteza abantu biwe. Uku niko uwavugishwa n'Imana yabivuze: “Mbona intebe nini yera mbona n’uyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka. Mbona abapfuye abahambaye n’aboroshe bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa kand’ikindi gitabo kirazingururwa ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo zikwiranye n’ivyo bakoze.”(Ivyahishuriwe Yohana 20:11,12)IB 464.2

    Ibitabo bimaze kuzingururwa, maze ijisho rya Kristo rigatumberezwa ku babi, bazoca bibuka igicumuro ico ari co cose bigeze gukora. Bazobona neza aho ibirenge vyabo vyatandukaniye n’inzira y’ubugororotsi n’ubweranda, ingene ubwibone n’ubugumutsi vyabashikanye aho bica ibwirizwa ry’Imana. Ibigeragezo bikwegakwega abantu basasiye indava icaha mu kugifata minenegwe, imigisha batituye, intumwa z’Imana bakengereye, imburi banse kwitwararika, imipfunda y’imbabazi yasubijwe inyuma n’imitima yabo ikomantaye itihanye - vyose bizogaragara nk’aho bizoba vyanditswe mu ndome z’umuriro.IB 464.3

    Hejuru y’intebe y’inganji hazokwerekanwa umusaraba; maze hace haboneka mu rukurikirane ibintu vyabaye: ukugeragezwa no kugwa mu caha kwa Adamu, hamwe n’intambuko zikurikirana z’umugambi w’agakiza: Ivuka ry’umukiza; ubuzima bwiwe busanzwe yabayeho, yubaha; ukubatizwa kwiwe muri Yorodani; ukwisonzesha hamwe no kugeragezwa mu bugaragwa. Igikorwa ciwe co ku mugaragaro cahishuriye abantu imigisha ihambaye cane, imisi yaranzwe n’ibikorwa vy’urukundo n’ubuntu, amajoro yaraye akesha asenga ari wenyene mu bwiherero mu misozi; ukumugurisha ngo bamwice kubera ishari; urwanko n’uburyarya bamusubirije mu ndumane kubwo ineza yabakoreye; umubabaro utagira uko wovurwa, usiga ubwenge w’i Getsemani kubera uburemere bw’icaha c’isi yose; uguhemukirwa mu maboko y’abantu b’abicanyi; ivyashitse biteye ubwoba muri iryo joro ry’umubabaro - imbohe itirwanirira, yahebwe n’abigishwa biwe yakunda, bacishije mu mayira y’i Yerusalemu bamuhutagiza batamworohereza; umwana w’Imana barengukanye imbere ya Ananiya, mu kirimba c’umuherezi mukuru Kayafa, mu cumba co guciramwo imanza ca Pilato, imbere y’umwicanyi n’umugesera Herode, batwenze bagatuka, bagatoteza maze bakamucira urubanza rwo gupfa - ivyo vyose biravurwa bigashirwako akatuzo.IB 464.4

    Ubu rero, imbere y’isinzi ry’abantu bariko bajugumira, hazokwerekanwa ibihe bihambaye vya nyuma vy’ubuzima bwiwe. Ingenzi iriko irababazwa igenda ija i Kaluvari; umuganwa w’ijuru amanitswe ku musaraba; abaherezi bishima hamwe n’abantu bamutyoje, bakamutuka ariko aracikana, umwiza udasanzwe, ukunyiganga kw’isi, ugusenyuka kw’ibitandara, ukwuguruka kw’imva, vyerekanye ibihe aho umucunguzi w’isi yatanze ubuzima bwiwe.IB 465.1

    Ivyo bintu biteye ubwoba bikaba vyerekanywe uko biri. Satani, abamarayika biwe hamwe n’abo bose bamukurikiye nta bubasha bafise bwo guhindura amashusho y’ivyo bakoze bo ubwabo. Umuntu wese azokwibutswa uruhara yagize rw’ivyo yakoze. Herode umwe yatanga itegeko ngo bice abana ataco bakoze b’i Betelehemu kugira ngo abe yoboneraho akaryo ko kwica umwami wa Isirayeli; Herodiya yagotse, akaremeka amaboko yiwe amaraso ya Yohana umubatizi; Pilato w’intege nke kandi “njana n’ibije”; abasoda bamukengereye; abaherezi n’abatware hamwe n’abantu bari basaze baduza urwamo ngo: “amaraso yiwe nabe kuri twebwe hamwe no ku bana bacu” - abo bose bazobona uburemere bw’ibigabitanyo vyabo. Bazorondera kwinyegeza bidakunda mu maso y’ubushobozi bw’Imana harusha ugukayangana ubwiza bw’izuba, mu gihe abacunguwe bo bazoba bariko baterera ingori zabo ku birenge vy’Umukiza, bavuga bati: “Yarampfiriye”.IB 465.2

    Mw’isinzi ry’abacunguwe hazoba harimwo intumwa za kristo, umuhizi Pawulo, ishirwarimenetse Petero, uwakundwa kandi nawe agakunda Yohana, hamwe n’abo bavukanishijwe n’ubutumwa, hamwe n’ingabo nyinshi z’abamaratiri; mu gihe hanze y’ibihome, hamwe n’ikibi cose n’ibintu biteye isoni hazoba hariho ababahakanye, bakabatoteza, bakabapfunga, bakabica. Hazoba hariho Nero, uwo mugesera w’umwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi, azobona ukuntu abantu yigeze gutoteza akanezezwa n’uko bariko baca mu mubabaro udasanzwe, bishimye kandi banezerewe. Umuvyeyi wiwe ni ho azoba ari kugira ngo yirabire ingaruka y’igikorwa ciwe; kugira ngo arabe ingene ikidodo ca kamere yiwe yaraze umuhungu wiwe, ibigumbagumba yahaye impigi kandi agashigikira kubera ubwaku bwiwe n’akarorero yatanze, vyamye imbuto z’ubwicanyi zatumye isi ihinda agashitsi.IB 465.3

    Aho hazoba hariho abapadiri n’abepisikopi b’ishengero ry’i Roma, bemeje ko ari ivyariho vya Kristo, ariko bakarenzako bagakoresha igihano co gukurura abantu hasi bakoresheje ibitwazi, bakabapfunga, abandi bakabaturira ata kindi barondera uretse kugerageza kwigarurira umutimanama wabo. Hazoba hariho abepisikopi bibona bishize hejuru y’Imana maze bakaja imigabo yo guhindura amabwirizwa y’Isumba vyose. Abo bantu bigize abavyeyi b’ishengero, Imana irafise ico izobabaza, iyaba vyobashobokeye bozosavye ikigongwe. Ariko hazoba haramaze kurengerana kuko bazobona ko umwe ata na kimwe ayobewe yamaze gufuhira amabwirizwa yiwe kandi ko ata buryo yofata ugabitanya akamufata nk’uko ata kibi yakoze. Bazotahura yuko Kristo yifadikanije n’abantu biwe bari mu mubabaro; maze batahure inguvu n’uburemere bw’amajambo yiwe: “Ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi ni jewe mwabigiriye.”(Matayo 25:40)IB 465.4

    Isi yose yagararije izohagarara imbere y’intahe y’Imana yagirizwe icaha c’uko yarwanije intwaro yo mw’ijuru. Nta muntu n’umwe bazoba bafise wo kubavugira; ntaco kwireguza bazoba bafise; kandi igihano c’urupfu rwamaho bazogifatirwa.IB 466.1

    Ubu noneho ni ikimenyamenya kuri bose ko ingero y’icaha atari umwidegemvyo unengesereye hamwe n’ubuzima buhoraho, ahubwo ari ubuja, ugusambuka, hamwe n’urupfu. Ababi bazobona ico bibujije kubera ubuzima bwabo bw’ukugumuka. Barakengereye uburemere bwamaho bw’icubahiro kirengeye ico ubwenge bushobora kwiyumvira bari baremerewe; noneho baracipfuza bitagishoboka. Uwo muntu yaguye ubudasubirwako azovuga cane ati: “Ibi vyose nari kuba nabironse; ariko nahisemwo kubishira kure yanje. Mbega ukuntu nifashe nk’umuntu atagira ubwenge! Nakavye amahoro, umunezero n’iteka n’umubabaro, ibara n'umwiheburo.” Bose barabona yuk’ ugukumirwa kwabo mw’ijuru bikwiriye. Ubuzima babayeho bwerekanye yuko bariko baravuga bati: “Uyu muntu ntituzomwemerera ko atubera umutware.”IB 466.2

    Ababi bazoraba aho umwana w’lmana azoba ariko arimikwa batamarirwe. Bazobona afise mu biganza vyiwe ibisate vy’amabuye vyanditsweko amabwirizwa y’Imana, ivyagezwe birengagije kandi bakabikandagira. Bazokwibonera n’amaso yabo umunezero, ukurengerwa, hamwe no gusenga kw’abacunguwe; kandi ubwo indirimbo ziryoheye amatwi zizokwumvikana zivuye muri ico gisagara cera, maze abantu isinzi bagikikije bazokwumva amajwi yose azokoranirizwa hamwe avuga ati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ukugororoka n'ukuri, Mukama w’amahanga”( Ivyahishuriwe Yohana 15:3”; maze bose bazokubita inkoro hasi, maze basenge umuganwa w’ubuzima.IB 466.3

    Satani azomera nk’ufashwe n’umuyagankuba mu gihe azobona icubahiro n’iteka vya Kristo. Uwigeze kuba igihe kimwe ari umukerubi yisakaye amababa azoca yibuka igihe yagwa, n’aho yavuye. Umuserafi aca ibibatsi, “Umwana wo mu mutwenzi”, mbega ukuntu yahindutse, mbega ukuntu yasubiye hasi! Yarakumiriwe burundu mu nama yahora afisemwo ijambo, yubahwa. Noneho abonye uwundi ahagaze hafi cane ya Data, atwikiriye icubahiro ciwe. Yarabonye urugori rwashizwe ku mutwe wa Kristo n’umumarayika afise igihagararo kibereye kandi ateye igomwe, kandi arazi ko ico kibanza c’iteka c’uyo mumarayika cari kuba rwiwe.IB 466.4

    Azokwibuka imisi yabayeho ataco umutima umwagiriza kandi atunganiwe, amahoro n’ugutekanirwa yari afise gushika aho yaguye mu mutego wo kwidogera Imana, no kugirira ishari Kristo. Ivyagirizo vyiwe, ukugumuka kwiwe, ubuhendanyi bwiwe, kugira ngo avugwe neza kandi ashigikirwe n’abamarayika, ugukomantaza umutima kwiwe ntagire akigoro ko kuba yokwigarura igihe Imana yari kuba ishatse kumugirira ikigongwe - ivyo vyose arabibona imbere y’amaso yiwe. Azokwongera asubiremwo yihweze igikorwa ciwe n’ingaruka cagize - urwanko umuntu yagiriye mugenzi we. Ukuzimangana guteye ubwoba kw’ubuzima, umuzo w’ubwami n’ugusenyuka kwabwo, ugutembagazwa kw’intebe y’inganji, urukurikirane rurerure rw’ingorane, amadidane, hamwe n’imigumuko. Azokwibuka utwigoro twiwe tw’urutavanako two kurwanya igikorwa ca kristo no gukwegera umuntu mu kaga karushirizaho kugenda kiyongera. Azobona yuko imihigo yose y’ikibi yakoze itashoboye gusenyura abashize ivyizigiro vyabo muri Kristo. Mu gihe Satani azoterera akajisho ku bwami bwiwe, umwitwarariko w’ibikorwa vyiwe, nta kindi azobona uretse ukunanirwa n’agatikizo. Yatumye abantu isinzi bibaza yuko igisagara cimana bocigarurira biboroheye; ariko arazi neza ko ico ari ikinyoma. N’ubu nyene kandi, muri urwo rukurikirane rw’intambara ihambaye, yaraneshejwe kandi yasabwe gushira hasi ibirwanisho. Arazi neza ubushobozi n’icubahiro vy’Uhoraho.IB 466.5

    Intumbero y’uwo murwanizi karuhariwe yamye ari iyo kutiyagiriza icaha ariko ubugumutsi akabwagiriza intwaro yimana. Kugira ngo ashike kuco yiyemeje,yakoresheje ubushobozi bwose bw’ubwenge bwiwe bw’ikigatanya. Yemeye akorera ku nteguro yiyumviriye neza kandi akabigira nkana, maze ivyo ashitseko bishimishije bigatuma abantu isinzi bemera insiguro we atanga yerekeranye n’intambara ihambaye imaze igihe kirekire. Mu gihe cimyaka ibihumbi, uyu mutware w’abagumutsi yatumye ikinyoma gihabwa ikibanza c’ukuri. Ariko rero noneho igihe cashitse aho ubugumutsi butegerezwa kurandurwa, maze kahise na kamere vya Satani bigashirwa ahabona. Akigoro kiwe ka nyuma ko kurondera gukura Kristo ku ntebe y’inganji yiwe, akazimanganya abantu biwe, maze akigarurira igisagara cimana, vyashize ahagaragara uwo mubeshi w’ikirenga. Abifatanije nawe bazobona ingene ivyo yarwaniye vyose bigize uruhombo rudasubirwako. Abakurikiye Kristo hamwe n’abamarayika batacumuye bazobona neza na neza ingene imigambi yiwe mibi yari ayitumbereje ku ntwaro yimana. Azoca yankwa n’isi yose.IB 467.1

    Satani azobona yuko kuba yarahisemwo ukugumuka vyatumye aboneka ko atabereye kuba mw’ijuru- ubushobozi bwiwe yabukoresheje mu kwimenyereza kurwanya Imana; ubweranda, amahoro, hamwe no gutunganirwa vyo mw’ijuru vyoshobora kumubera ikintu co kumutoteza ku rwego rwo hejuru. Ibirego vyiwe yagiriza ubuntu n’ubutungane vyimana noneho birahagaze. Ivyagirizi yahisemwo kwegeka kuri Yehova, noneho niwe vyagiriye wenyene. Kandi noneho Satani azokubita inkoro hasi maze ashinge intahe avuga ko urubanza aciriwe rutunganye.IB 467.2

    “Ni nde atogutinya ga Mwami, cank'atazohimbaza izina ryawe ? Kukw’ariwewe wenyene wera; amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge kukw’amateka yawe agororotse aseruwe.”( Ivyahishuriwe Yohana 15:4) Ikibazo cose cerekeye ukuri n’ikinyoma muri iyo ntambara y’igihe kirekire kizoba camaze kuja ahagaragara. Inkurikizi y’ukugumuka, ivyamwa vyo kuba bashize i ruhande ivyagezwe vyimana vyarashizwe ahabona ku buryo ivyaremwe vyose bibibona. Ingaruka y’intwaro ya Satani yashatse guhangana no kurwanya intwaro yimana izobonwa n’ivyaremwe vyose. Ibikorwa vya Satani ni vyo vyamuciriyeko iteka. Ubumenyi bwimana, ubutungane bwayo, ineza yayo bizoshimangirwa ku buryo bwuzuye. Bizoboneka ko umwifato wiwe wose mu ntambara ihambaye washize imbere, ari ubwitonzi bwose, ineza yamaho y’abantu bayo hamwe n’ineza y’amasi yose yaremwe. “Uhoraho ivyo waremye vyose bizogushima : Abakunzi bawe bazogushemagiza.”( Zaburi 145: 10) Kahise k’icaha kazokwama ibihe bidashira imbere yabo nk’igishingantahe c’uko umunezero w’ivyaremwe vyose wenena ku mwitwarariko w’amabwirizwa yimana. Kubera ivyashitse vyose kubwo intambara ihambaye, ivyaremwe vyose, vyaba ivyaranzwe n’ukugamburuka canke ivyaranzwe n’ukugumuka,, bizohuza ijwi nk’umuntu umwe biti: “Inzira zawe ni iz’ ukuri kandi ziragororotse, Mwami w’amahanga”.IB 467.3

    Ikimazi gihambaye catanzwe na Data hamwe n’Umwana ku neza y’umuntu kizokwerekwa ivyaremwe ku buryo bugaragara. Igihe kizoba gishitse aho Kristo azoza maze avyagire mu kibanza abereye kandi ahabwe icubahiro hejuru y’ubutware bwose n’ubushobozi hamwe n’ikintu cose coshobora kwitwa izina. Yemeye kumanikwa ku musaraba no kumaramazwa kugira ngo azoshikanwe ku munezero wamuteguriwe - kugira ngo azoshobore kuzana abantu benshi ku cubahiro. Kandi ku buryo busiga ubwenge, uko yagize agahinda gakomeye n’ubumaramare, ni nako yagize umunezero uhambaye n’icubahiro. Azoraba abacunguwe, basubijwe itoto mw’ishusho yiwe, umutima wose urangwa n’ubwaku bwo mw’ijuru, mu maso h’umuntu wese herekana akaranga k’umwami wiwe. Azobona muri bo ingaruka z’igikorwa c’umutima wiwe, maze bimushimishe. Maze akoresheje ijwi rizoshikira iryo koraniro ry’isinzi ry’abera hamwe n’ababi, azomenyesha ati: “Raba ikiguzi c’amaraso yanje. Kubw’aba narababajwe, kubw’aba narapfuye, kugira ngo bashobore kubana nanje ibihe bidashira. Maze indirimbo y’ishimwe izokwumvikana ishikirijwe n’abera bambaye imvune zera bakikije ya ntebe. Bazovuga n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi yishwe abereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubwenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa, n’umugisha.”(Ivyahishuriwe Yohana 5: 12)IB 468.1

    Nubwo vyabaye ngombwa ko Satani yemera ubutungane bw’Imana, kandi akunamira ugushirwa hejuru kwa Kristo, kamere yiwe ntiyigeze ihinduka. Agatima ko kugumuka wogira ngo ni umukuba ukomeye w’uruzi, karamubonekako. Muri ukwo gutera imigere kwiwe, yaranse kwemera ko yarushijwe muri iyo ntambara ihambaye. Igihe kuri we co kwigerezako ubwa nyuma arwanya Umwami w’ijuru cashitse. Yaragendagenze hagati y’abamuyobotse maze agerageza kubateramwo ishavu ryotuma barurumba maze arabahagurutsa ngo baje mu rugamba. Ariko muri abo bantu amasinzi badaharurika yakwegeye mu bugumutsi, noneho nta n’umwe muri bo acemera ubutware bwiwe. Ubushobozi bwiwe bwashitse ku musozo. Ababi nabo buzuye urwanko banka Imana Satani yabateragiyemwo; ariko barabona ko ataco bazohokora, ko badashobora guhangana na Yehova. Ishavu ryabo bazorita kuri Satani hamwe n’abo bamufashije mu gukwiragiza ikinyoma, bazobiyahurirako bafise ishavu nk’iry’abadayimoni.IB 468.2

    Umwami aravuga ati: “Ko wagereranije umutima wawe n’umutima w’Imana, nuko nanje ngira nguteze abantu b’akavantara b’agaterabwoba bo mu mahanga basokore inkota zabo ngo barwanye ubwiza bw’ubwenge bwawe bafutanye igitinyiro cawe . Bazokumanura bakurokeze muri rwa rwobo.” “Narakugesheje yewe mukerubi ushanje amababa ngukura hagati ya ya mabuye yaka umuriro.. .Ngutsinze hasi, nkurambitse imbere y’abami ng’ubabere akabarore...Nkugize umunyota urunze hasi imbere y’abo wabereye akabarore.... wahindutse agaterabwoba, kandi ntuzosubira kubah’ukundi.”(Ezekiyeli 28: 6-8, 16-19)IB 468.3

    “Kukw’ivyakingira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.” “Kuk’Uhoraho ashangashiwe amahanga yose, akaba arakiye ingabo zayo zose, arabagesheje rwose, arabagabuye ngo bicwe.” (Yesaya 9:5; 34:2) “Abanyakibi azobarekurirakw’amakara yaka n’amazuku; umuyaga w’indugumba uzoba umugabane mu gikombe cabo.” (Zaburi 11:6) Umuriro uvuye ku Mana uzomanuka uvuye mw’ijuru. Isi izokwiyugurura ibirwanisho yari isanzwe inyegeje bizoja ahabona. Umuriro uturira ugatongora uzokwiburuka mw’isi uzananye aho hose hari ikinogo. Ibitandara vy’amabuye bizotokombera. Umusi uzoba washitse aho uburinganire bw’isi buzoba bumeze nk’icuma cashonze, nk’ikiyaga amahero c’umuriro. Azoba ari umwanya w’urubanza n’uguhona kw’abantu batubaha Imana. « Kuk’uwo musi ari wo wo guhora kw’Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkoko ku vyo bagiriye Siyoni.” (Yesaya 34 :8)IB 468.4

    Ababi bazoronka impera yabo kw’isi. « Bazoba ibishingwe; kand’uwo musi ugira uze uzobatongora ni k’Uhoraho nyen’ingabo agize. ( Malaki 4 : l)Bamwe bazosamburwa barwe bukumbi, abandi babanze kugoyagoya imisi myinshi. Bose bazohanwa « hakurikijwe ivyo bakoze ». Ivyaha vy’abera bizoba vyaremetswe Satani, azoshikirwa n’umubabaro kubwo ubugumutsi bwiwe no kubw’ ivyaha vyose yakwegeyemwo abantu b’Imana. Igihano ciwe kizoba kirengeye kure ico abo yahenze. Abo yahenze bamaze guhona, azokomeza kubaho no kubabara. Muri uwo muriro uturira kandi ugatongora, ababi bazohonywa kuva mu mizi gushika mu mashami. Satani ni we muzi, abamukurikiye ni bo mashami. Igihano co gukandagira amabwirizwa yimana kizobashikira ; ivyo ubutungane bwimana busaba bizokwubahirizwa; maze ijuru n’isi, bizoba ari ivyabona, bizokwamamaza ubweranda bwa Yehova.IB 469.1

    Igikorwa ca Satani co guhonya kizorangira ubudasubirwamwo. Mu gihe c’imyaka ibihumbi bitandatu, yaragaragaje intumbero yiwe, yuzuza isi amagorwa kandi ayikwiragizako umubabaro. Ivyaremwe vyose vyaragiye mu miniho kandi bigendera mu mubabaro. Noneho ivyaremwe vyimana biragobotowe burundu : nta bubasha akibafiseko, nta n’ubwo azoba akibagerageza. « Isi yose ironse impore, iratekereje ; baraturitse bararirimba.» (Yesaya 14:7) Kandi akamo k’impundu n’intsinzi kazoduga kavuye mu vyaremwe vyose bigamburuka. «Ijwi ry’ishengero rinini n’ikimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye » rizokwumvikana rivuga riti : Haleluya kuk’Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye. »(Ivyahishuriwe Yohana 19:6)IB 469.2

    Mu gihe isi izoba itwikiriwe n’umuriro uhambaye, abera bazoba bariko barijandajandira mu gisagara cera. Urupfu rwa kabiri nta bubasha nizoba rufise kuri abo bazoba bongeye kuba bazima mu kuzuka kwa mbere. Mu gihe ku babi, Imana izobabera umuriro utongora, ku bantu bayo bo, izobabeera « izuba n’inkinzo »IB 469.3

    «Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw’ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye.» (Ivyahishuwe 21: I) Umuriro uzoturira ugatongora ababi ni nawo uzotyorora isi. Akamenyetso akari ko kose kerekana umuvumo kazozimangana. Nta Gihenomu iriho irimwo umuriro utazima izokwama yibutsa abacunguwe ingaruka ziteye ubwoba z’icaha.IB 469.4

    Hazosigara urwibutso rumwe rwonyene : Umucunguzi wacu azokwama afise inkovu z’aho bamubamba ku musaraba. Ku mutwe wiwe wakomerekejwe, mu rubavu rwiwe, ibiganza vyiwe n’amaguru yiwe, ni ho honyene hari ibimenyetso vy’igikorwa c’ubwicanyi icaha cazanye. Uwavugishwa nimana ariko abona Kristo mu cubahiro ciwe, avuga aya majambo : «Ugukayangana kwiwe kwari nk’umuco, ibishwarara vy’umuco vyava mu kuboko kwiwe, aho ni ho yatwikirira ububasha bwiwe. »(Habakuki 3 :4) Urwo rubavu rwacumiswe ni rwo rwavuyemwo amaraso avanze n’amazi yazanye umwuzuzo hagati y’umuntu n'lmana - aho ni ho hari icubahiro c’Umukiza, aho ni ho ubushobozi bwiwe bwinyegeje.Kubera yuko ashoboye gukiza kubwo ikimazi co kuducungura, afise rero ububasha bukwiye bwo gucira urubanza abakengereye ubuntu bw’Imana. Kandi ibimenyamenya vyo gucishwa bugufi kwiwe ni vyo vyahindutse kuri we iteka rihambaye; imishishagu n’inkovu vy’i Kaluvari bizokwama vyerekana amashimwe yiwe kandi bitangaze ubushobozi bwiwe ibihe vyose.IB 469.5

    « Nawe mutara wo kurabirak’umukuku, umusozi w’umukobwa w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako.» (Mika 4:8) Igihe abantu b’Imana bari barindiranye igishika uhereye umusi abakerubi bacungera ngo ntihagire umuntu yinjira mw’i paradiso, noneho kirashitse, igihe « co gucungura ab’Imana yaronse »(Abanyefeso 1 :14) Mu mamuko y’ibintu, isi yari yahawe umuntu nk’ubwami bwiwe, ariko rero yarasamaye ayirekurira mu maboko ya Satani, ica yigarurirwa n’uwo mwansi akomeye; ariko yaragarukanywe kubwo umugambi uhambaye w’agakiza. Ikintu cose cari carazimanganye kubera icaha carongeye gusubizwa ahabona, kiranagurwa. «Uku ni k’Uhoraho agize ... Uwabumvye isi akayirema, yarayikomeje, ntiyayiremye ngw’ibek’ubusa gusa, yayiremye ngw’ibekw’abantu. » (Yesaya 45: 18) Intumbero ya mbere Imana yari ifise mu kurema isi yarashitsweko kuko isi yahindutse aho abera bazoba ibihe vyose. Zaburi 37: 29 «Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira » (Zaburi 37: 29)IB 470.1

    Ugutinya ukubona kazoza nk’ikintu kizima gifadika vyatumye abantu benshi bashaka gufata ukuri nyezina kutwereka ko hariho ubugerero tuzobamwo nk’ikintu kidafise ishingiro, kiri mu vyiyumviro honyene kandi kidashoboka. Kristo yabwiye abigishwa biwe adakekeranya ko agiye kubategurira aho bazoba mu rugo rwa Data. Abemera inyigisho z’ijambo ry’Imana ntibazoba mu butamenya ku vyerekeye ubugerero bwo mw’ijuru. Kira noneho handitse ngo «Ivy’ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu vyose Imana, yabiteguriye abayikunda. (1 Ab’ikorinto 2: 9) Imvugo y’umuntu ntishobora gushikiriza ido n’ido ry’impera y’abera. Izomenywa vyonyene n’abo bazoyironka. Ubwenge bw’umuntu bufise aho bugarukira ,ntibushobora gutahura ubwiza bwa Paradizo y’Imana.IB 470.2

    Muri bibiliya, aho abakijijwe bazogerera hafise izina ry’ “igihugu”. Aho ni ho umwungere wo mw’ijuru azoshora umukuku wiwe kw’isoko ry’amazi y’ubugingo. Aho ni ho hari igiti c’ubugingo cama buri kwezi, kandi amababi y’ico giti azokoreshwa n’amahanga. Aho ni ho hari amasoko adakama y’amazi atagira akarohe, i ruhande yayo hariho ibiti amashami yavyo azana agatutu mu mayira yateguriwe abacunguwe n’Uhoraho. Ni muri ivyo bigega bitekanye no haruhande y’ayo masoko y’amazi, abantu b’Imana, bamaze igihe kw’isi ari abanyamahanga n’ingenzi, bazoronka noneho ubugerero.IB 470.3

    «Kand’abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no mu buruhukiro butagira inkomanzi. » (Yesaya 32: 18) « Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ugutikiza mu ngabano zawe; arikw’inzitiro zawe uzozita Gakiza, n’amarembo yawe uzoyita Mpundu.” (Yesaya 60: 18) « Bazokwubaka amazu bayiberemwo kandi bazotera uruzabibu, birire inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw’abandi binjire; ntibazorima ngw’abandi babirye.. .Kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo.”(Yesaya65: 21,22)IB 470.4

    «Ahagadutse n’ubweranyange hazonezerwa, ubugararwa buzohimbarwa bushurike amashurwe nk’aya habaseleti. (Yesaya 35: 1) « Mu gishingo c’umubambangwe hazomera igiti c’umuberoshi, mu c’umukere hazomera ic’umuhadasi.» (Yesaya 55: 13) « Ibingira rizobana n’umwagazi w’intama, n’ingwe izoryamana n’umwagazi w’impene... kand’umwana mutoya ni we azobishorera.” ” Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica,” ni ko Uhoraho agize. »(Yesaya 11: 6, 9) Umubabaro ntushobora kubaho mw’ijuru. Ntihazokwongera kubaho amarira, canke abantu bagiye ku maziko, canke ibimenyetso vyo kwidoga. « Kand’urupfu ntiruzobarukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho: kukw’ivyambere bishize. » (Ivyahishuriwe Yohana 21: 4.) « Kand’uwaho ntazovuga ati ndarwaye: abantu bahaba bazoba bahariwe ukugabitanya kwabo. (Yesaya 33: 24) Aho ni ho hari Yerusalemu nshasha, igisagara nyabagendwa gikuru c’isi nshasha yatewe iteka, «Igitsibo c’ubwiza mu kuboko kw’Uhoraho, n’umugara w’ubwami mu kuboko kw’Imana yawe. »(Yesaya 62: 3)« Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane nk’akabuyenge kitwa Yasipi kabonerana nk’icirore. » «Kand’amahanga azogendera mu muco wawo, abami bo kw’isi bazozanay’ubwiza bwabo.» (Ivyahishuriwe Yohana 21 : 11) « Kandi nzohimbarwa n’i Yerusalemu, nezerwe n’abantu banje.» (Yesaya 65: 19) «Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu kand’izogerera muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubwayo izobana na bo, izoba Imana yabo.” (Ivyahishuriwe Yohana 21: 3)IB 471.1

    Mu gisagara c’Imana, nta joro rizobayo. Nta muntu azoba akeneye canke azokwipfuza kuruhuka. Nta muntu azoba afise ubwoba mu kurangura ubugombe bw’Imana no mu guhimbaza izina ryayo. Tuzokwama dufise akabombera ko mu mutwenzi kandi ntikazokwigera katuba kure. «Kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwakirwa n’izuba, kuk’Umwami Imana ari yo izobakira. » ( Ivyahishuriwe Yohana 22: 5) Umuco w’izuba uzotwikirwa n’ugukayangana kutababaza amaso, ariko kurusha guca ibibatsi izuba ry’umutari. Icubahiro c’Imana n’umwagazi w’intama kizokwuzura igisagara cera camemwo umuco utazima. Abacunguwe bazogendera mu cubahiro c’umusi wamaho utamurikirwa n’izuba.IB 471.2

    «Kandi sinabonye urusengero kuri wo kuk’Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo. (Ivyahishuriwe Yohana 21: 22) Abantu b’Imana bazoba bafise amahirwe yo guhorana na Data hamwe n’Umwana. « Kuk’ubu turabira mu vyirore ivyijiji.»(l Ab’i Korinto 13 :12) Tuzobona ubwiza bw’Imana nko mu cirori mu bikorwa vyayo ,mu vyo yaremye, no mu kugene yitwararika ibibazo vy’abantu; hanyuma tuzomubona amaso ku maso, ata kintu kimudukingiriye. Tuzoshobora guhagarara imbere yiwe maze twihweze ubwiza bwiwe. Aho abacunguwe bazoshobora kumenya, nk’uko nabo bamenywe - urukundo n’ubugwaneza Imana yashize mu mutima w’umuntu bizoshirwa mu ngiro mu buryo bw’ukuri kandi bubereye. Ugushikirana n’ivyaremwe vyera, ubuzima buringaniye mu vy’imibano n’abamarayika batacumuye hamwe n’abizigirwa bo mu runganwe rwose, bamesuye impuzu zabo mu maraso y’umwagazi w’intama maze zikera, imigenderanire myeranda ihuza « imiryango yose yo mw’ijuru no mw’isi » (Abanyefeso 3 :15) - ivyo ni vyo bizofasha gutsimbataza umunezero w’abacunguwe.IB 471.3

    Aho ni ho ubwenge bwamaho buzokwihwezanya umunezero w’ibihe vyose ibitangaza vy’ubushobozi bwo kurema, amabanga y’urukundo rwaducunguye. Aho ntihazokwigera habaho umwansi w’umugizi wa nabi, agerageza abantu ababesha ngo bibagirwe Imana. Ubushobozi bwose bw’umuntu buzotera imbere, inguvu zose ziziyongera. Ukwunguka ubwenge ntibizoremera ubwenge bwacu canke ngo bitume turuha. Aho, imigambi ihambaye izoshirwa mu ngiro, ivyo abantu babayeho bipfuza bazobishikako, imigambi bashira imbere gusumba iyindi bazoyirangura ; ariko kandi ivyo ntibizobuza ko hakomeza kuboneka ahandi hantu hirengeye ho gushika, ibitangaza bishasha vyo gusamarira, ukuri gushasha kwo gutahura, ibintu bishasha bizosaba gukoresha ubushobozi bwose bw’ubwenge, umutima n’umubiri.IB 472.1

    Abacunguwe nimana bazoba barekuriwe kwiga no kunonosora ivyo ubutunzi bwose bwo mu vyaremwe. Urupfu ntiruzoba rukibafiseko ubushobozi, bazoguruka bataruke baja mu yandi masi ya kure - amasi yahinze agashitsi abonye amagorwa atekeye abantu kandi yateye indirimbo z’umunezero igihe cose yumva ko hariho umunyavyaha yakiriye agakiza. Abana bimana bavuye kw’isi bazokwinjirana akamwemwe katagira uko kangana mu munezero n’ubukerebutsi vy’ivyaremwe bitacumuye. Bazosangira nabo ubutunzi bwo kumenya no gutahura bwashitsweko uko ibihe vyagiye bikurikirana mu gutangarira igikorwa c’amaboko yimana. Bazobona ata kibakingiriye igikorwa co kurema - izuba, inyenyeri n’ayandi masi, vyose mu rutonde birimwo bikikuje intebe y’inganji yimana. Ku kintu cose, guhera ku kintu gito cane gushika ku gihambaye, hazoba handitseko izina ry’umuremyi, kandi muri vyose hazoba habonekera ubutunzi bw’ubushobozi bwimana.IB 472.2

    Uko imyaka y’ibihe vyose izogenda irakurikirana izotuma ubutunzi nicubahiro cimana na Kristo birushirizaho guhishurwa. Kubera yuko ubumenyi buzokomeza gutera imbere, n’urukundo, ukwubaha, hamwe n’umunezero bizokwiyongera. Uko abantu bazorushiriza gutahura ivy’Imana, ni nako ugutangarira kamere yabo bizokwiyongera. Mu gihe Kristo azokwerekana imbere yabo ubutunzi bw’ugucungurwa hamwe n’ivyashitse ko bihambaye mu ntambara ihambaye hagati yiwe na Satani, imitima y’abacunguwe izokwuzura ukwitanga ; maze kubwo gutwarwa n’umunezero bazovuza inanga z’izahabu ; maze amamiliyoni yibihumbi vy’abantu bazoririmbira icarimwe n’ubushobozi budasanzwe indirimbo yo gushima.IB 472.3

    « Kand’icaremwe cose co mw’ijuru no mw’isi n’ikuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose , numva bivuga bit'Ivyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi wintama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira. »( Ivyahishuriwe Yohana 5: 13)IB 472.4

    Intambara ihambaye yarangiye. Icaha n’abanyavyaha ntibakiriho. Isi yose yam aze gutunganywa. Ivyaremwe vyose aho biva bikagera birangwa n'umunezero n’ugutunganirwa. Ubuzima, umuco, n’akanyamuneza bikwiragira ahantu hose gushika mu kirere kidafise urubibe bivuye ku waremye ibintu vyose. Uhereye ku kintu gato cane ugashika kw’isi yagutse, ibintu vyose, vyaba ibifise ubuzima canke ibitabufise, mu bwiza bwavyo ntangere no mu munezero wavyo uringaniye, biduza ijwi bivuga ko Imana ari URUKUNDO.IB 472.5

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents