Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ijambo Rishikirijwe Umusomyi

    Musomyi, iki gitabo nticasohotse mw’icapiro kugira ngo kitumenyeshe ko hariho icaha, amagorwa n’akaga muri iyi si. Ivyo turabizi neza twese. Iki gitabo nticasohotse mw'icapiro kugira ngo kitumenyeshe ko umwiza n'umuco, icaha n’ubugororotsi, ikinyoma n’ukuri, urupfu n’ubuzima ari ibintu bihushanye ku buiyo budasubirwako. I bwina mu mitima yacu turabizi kandi ntituyobewe ko ibibi bishika tubona kandi tubifisemwo uruhara.IB 4.1

    Ariko kenshi na kenshi birashika umuntu wese muri twebwe akumva agoberewe kumenya ku buryo bwagutse ivy’intambara ihambaye. Mbega yatanguye gute? Canke yamye na ntaryo iriho? Mbega ni ibihe bintu bidutera kutayisobanukirwa? Mbega uruhara ndayifisemwo ni uruhe? Ubwo nta kintu njejwe kuba nokora? Kubona ndi muri iyi si ntivyavuye ku guhitamwo kwanje. None kuri jewe ivyo vyoba bisigura ikibi canke iciza?IB 4.2

    Ni ibihe bintu bikuru bikuru vyerekeranye n’iyo ntambara? Mbega izomara igihe kingana iki? Mbega izorangira gute? Mbega iyi si, nk’uko abahinga bamwe mu bumenyi babivuga, yoba izonyikira mw’idamba ry’umuzitanya, rirangwamwo igikonyozi kidasanzwe n’umwiza w’ibihe vyose? Canke yoba ibikiwe kazoza keza?IB 4.3

    N’ubu nyene ikibazo turacakibazwa: mu mutima wanje bwite, amakimbirane hagati yo kwikunda, kwigira nyamwigendako, hamwe no gukunda abandi bivugurura imishikirano mfitaniye na bo, yoba yaratorewe umuti mu kureka ineza ikimikwa kandi igahabwa intsinzi y’ibihe vyose? Bibiliya ivuga iki kuri ico kibazo? Mbega Imana yoba yifuza kutwigisha iki kuri iki kibazo gihambaye kandi camaho?IB 4.4

    Musomyi, intumbero y’iki gitabo ni uko cofasha umutima wahahamutse ugashika ku nyishu ibereye y’ibi bibazo vyose. Uwacanditse ni umuntu ‘“yumvirijeko maze amenya yuko Uhoraho aryoshe”; hamwe nivyo yatahuye vyinshi mu kwihererana n’Imana no mu kwiyumvira kw’ijambo ryayo kuko vyamufashije gutahura yuko ibanga ry’Uhoraho rimenywa n’abamwubaha kandi ko ari bo aha isezerano ryiwe.IB 4.5

    Kugira ngo dushobore gutahura ibintu bikuru bikuru vyerekeye iyo ntambara ikomeye, iyo nayo ikaba idaha agahengwe ubuzima bw’iyi si turimwo, uwanditse iki gitabo yarabitweretse neza ku buryo bugaragara yifashishije urukurikirane rw’ibintu vyashitse muri ibi binjana mirongo ibiri dushize inyuma.IB 4.6

    Ukizingurura iki gitabo ushikira ku nkuru ibabaje yerekana ibihe vya nyuma vya kahise ka Yerusalemu, igisagara Imana yatoranije mu bindi, mu nyuma yaho cari kimaze kwihakana umuntu w’i Kaluvari yari yaje kudukiza. Uhereye ngaho ukabandanya ukurikiranye inzira yagutse y’amahanga, ico gitabo kiradushikana aho kitwereka agahahirizo kagiriwe abana b’Imana bo mu binjana vya mbere; ubushakanyi bukomeye bwabonetse mw’ishengero inyuma y’agahamo; umuco w’ubugorozi bwamurikiye isi kandi akaba ari muri bwo higaragaje bimwe mu bigize intambara ihambaye; icigwa giteye ubwoba c’ukuntu Ubufaransa bwihakanye ukuri mu ngingo zakwo ngenderwako; umuvyuro hamwe n’ishirwa hejuru ry’lvyanditswe hamwe n’akarusho bifise mu gukiza ubuzima bugahinduka kandi bukanagira ubwaku ku bandi; ukwitwararika ivy'Imana kwo mu misi ya nyuma; ugutwikururwa kw’isoko rihembura ry’Ijambo ry’Imana, hamwe n’amahishurwa ahambaye yaryo y’umuco n’ubwenge bikenewe kugira ngo umuntu ashobore guhangana n’idudubiza riteye ubwoba ry’ikinyoma cose co mu mwiza.IB 4.7

    Iyo ntambara iriho ku buryo bugaragara, irahambaye kandi ni ntabanduka kandi iri imbere yacu; ishimikiye ku bintu vyinshi ngenderwako kandi umuntu wese muri twebwe si umurorerezi wayo gusa, ahubwo ayifisemwo n’uruhara.IB 5.1

    Ikintu co guherezako ni iyi nkuru y’uko hariho intsinzi yamaho kandi idasubirwako y’iciza ku kibi; y’ukuri ku kinyoma; y’umuco ku mwiza; y’umunezero ku mubabaro; y’ivyizigiro ku bwoba; y’icubahiro ku bumaramare; y’ubuzima ku rupfu hamwe n’urukundo rwihangana kandi rwamaho ibihe vyose ku nzigo y’akazirikira, yihora.IB 5.2

    Guhera igihe iki gitabo casohoka mw’icapiro ubwa mbere na mbere (1888), hanyuma uwacanditse akagira ivyo agihinyanyurako maze kikongera gusohoka gisubiwemwo(1911); cakwiragijwe kw’isi yose biciye mu kugihindura mu ndimi zitandukanye no kwama casohowe mu macapiro atandukanye uko imyaka igenda ikurikirana. Cabaye igikorwa co mu rwego rwo hejuru. Umusomyi azobona yuko umwanditsi w’iki gitabo ata kintu yanyegeje ahubwo ko yashize ahabona n’ubuhinga budasanzwe ibintu uko biri; yerekana amakosa yiraye kandi atanga n’inyishu zibereye zishingiye kw’ijambo ntabanduka ry’Imana. Kandi n’ubwo muri iyi myaka mikeya ya nyuma habonetse ihinduka hamwe no gusubira ku murongo kw’isi mu bijanye n’ivy’Imana; icubako nyamukuru hamwe n’ivyitezwe muri kazoza nk’uko bishikirizwa muri iki gitabo biracafise muri iyi misi igihe bizoshikirako kandi ni ivyo kwitwararikwa.IB 5.3

    Mu myaka iheze, abantu benshi basomye iki gitabo barazanywe ku Mwungere w’Ukuri. Isengesho ry’abariko bakora uko bashoboye kugira ngo congere gusohoka mw’icapiro ni uko cokwongera kwama imbuto nyinshi z’ivyiza vyinshi ibihe vyose.IB 5.4

    ABAGIKWIRAGIJE.

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents