Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 1 - Ugusamburwa Kwa Yerusalemu

    “Uyu musi iy’umenya ivy’amahoro. Ariko none bihishijwe amaso yawe. Kukw’imisi izokuzako aho abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubwabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose, bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe, kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utamenye igihe wagendewemwo”. (Luka 19:42-44)IB 16.1

    Ahagaze ahirengeye ku musozi Elayono, Yesu yaritegereje Yerusalemu. Cari igisagara kibereye ijisho kandi gitekanye. Hari mu bihe vya Pasika kandi abana ba Yakobo bari bashwabadutse bavuye mu mihingo yose y’igihugu ku bw’iyo sabukuru ihambaye. Uturambi turinganijwe neza, inyubakwa ziteye igomwe hamwe n’uruhome amahero rukikije umurwa mukuru wa Isirayeli vyaboneka hagati y’imirima n’ibiti vy’imyelayo, hamwe n’amahema asa n’icatsi kibisi izo ngenzi zari zashinze. Umukobwa w’i Siyoni mu bwibone bwiwe vyasa nk'uko ariko aravuga ati: “ndavyagiye nk’umwamikazi kandi nta mubabaro nzokwigera mbona, ndi inkundwakazi kandi ndatunganiwe kuko ijuru rindaba ryiza”. Vyari bimeze nk’igihe hambere aho, ku kirimba, umuririmvyi yikora mu gahogo avuga ati: “Umusozi Siyoni uri mu ruhande rw’i buraruko; igihagararo cawo ni ciza, ni wo binezaneza vy’isi yose, ni wo murwa w’Umwami ahambaye”.(Zaburi 48:2) Mu bintu yabona imbere y’amaso yiwe harimwo n’inyubakwa z’akaroruhore z’urusengero. Imishwarara y’izuba ririko rirarenga yararurasirako maze rugakayangana kubwo impome zarwo zari zubakishijwe amabuye y’agaciro y’umwerusi (yasipi) hamwe n’urugi rwarvvo, umunara warwo hamwe n’agasongero vy’izahabu. Ukuntu rwari ruteye igomwe vyateye ubwoko bw’abayuda kwibona. Nta muntu n'umwe w’umwisirayeli yabona ivyo vyiza ngo abure kwishimiriza no kunezerwa. Ariko Yesu we yari afise ibindi vyiyumviro kuri ico gisagara no kuri urwo rusengero. ” Ashitse hafi, abona igisagara arakiririra”(Luka 19:41). Mu gihe abantu bose bari banezerewe kubera ko Yesu aje i Yerusalemu; mu gihe abantu bose bazungagiza ibisandasanda bahimbawe; mu gihe imitumba n’udusozi vyahererekanya amajwi asamirana ngo “hoziyana” y’umunezero maze ayandi ibihumbi n’ibihumbagiza akamushemeza nk’umwami; Umucunguzi w’isi we yari arengewe n’akabonge atari asanganywe kandi utari kubona ingene wogasigura. Umwana w’lmana, Uwasezeraniwe abisirayeli, Ufise ubushobozi bwatsinze urupfu maze bukarekuza a bo rwari rwagize imbohe mu mva; yari yuzuye amarira atazanywe n’umubabaro usanzwe, ariko akuruwe n’umubabaro uremereye, umuniho umuntu atokwihanganira.IB 16.2

    Ntiyarira kubwiwe n’aho yari azi ibimurindiriye. Imbere yiwe yabona Getsemane, aho yari agiye kubababarizwa. Mu vyiyumviro vyiwe, yabona kandi irembo ry’intama, aho imbagwa zo gutangako ikimazi zama zacishijwe mu binjana bitari bike; iryo rembo ni naryo yari yiteze kwugururirwa igihe bari kumujana “nk’intama bajanye kw’ibagiro” (Yesaya 53: 7). Hafi y’aho hariho Kaluvari, ikibanza yabambiwemwo. Muri iyo nzira Yesu yari yimirije kugendagendamwo hategerezwa gutwikirwa n’umwiza uhambaye kandi uteye ubwoba kuko ubuzima bwiwe yari agiye kubutanga nk’impongano ku caha. Ariko rero kuzirikana ibi bihe bihambaye si vyo vyari bimuteye akabonge muri ayo masaha y’umubabaro. Kurazwa ishinga n’agahinda kadasanzwe kari kamurindiriye nk’umuntu ntivyatwikiriye agatima k’ukutironderera ineza kwiwe. Yakororeshejwe amosozi n’agatikizo kari karindiriye ibihumbi vy’abantu b’i Yerusalemu kubera uguhuma kwabo hamwe no gukomantaza imitima kw’abo yari yaje guhezagira hamwe no gukiza.IB 16.3

    Inkuru y’imyaka irenga igihumbi y’ubuntu budasanzwe bw’Imana hamwe n’uburinzi bwayo yagiriye ubwoko yatoranije, vyari imbere y’amaso yiwe. Hariho umusozi Moriya, aho umwana w’lsezerano, ca kimazi kitirwaniriye, can caboshwe maze gishirwa ku gicaniro nk’ikimenyetso c’ishikanwa ry’Umwana w’Imana. Aho ni naho isezerano ry’imihezagiro, isezerano ry’icubahiro rya Mesiya, ryafundikwa ku mugaragaro rihabwa Sekuruza w’abizera.(Itanguriro 22: 9, 16-18). Aho ni ho umwotsi w’ikimazi Dawidi yatangiye mw’itongo aguze na Orunani waduze mw’ijuru maze bituma inkota y’umumarayika arimbura isubizwa mu rwubati kuko ikiza can gikuwe mu bantu (I Ngoma 21) - ivyo navyo bikaba vyari bifitaniye isano n’uko Umukiza wacu yitanze nk’ikimazi kandi agasabira abantu bagabitanya. Mu bindi bisagara vyose vyo kw’isi, Yerusalemu yari yatewe iteka n’Imana. Uhoraho yari “yatoranije Siyoni”, yari yahagomwe ngo hamubere ikibanza co kugereramwo. (Zaburi 132:13). Aho niho mu gihe c’imyaka myinshi abavugishwa n’Imana bashikiririje ubutumwa bwabo bwo kugabisha. Aho ni ho abaherezi bazungagiriza ivyotero vyabo, maze umwotsi w’umubavu hamwe n’amasengesho y’abera, bikaduga imbere y’Imana. Aho ni ho ku musi ku musi, amaraso y’imyagazi yakererwa, yashikanwa, atumbereza ku maraso y’Umwagazi w’intama Y’Imana wan gutangwa. Aho niho Yehova yari yiyerekaniye mu cubahiro ari mu gicu hejuru y’intebe y’imbabazi. Aho ni ho hari hashinzwe rwa rwego rw’ibanga rwafatanya isi n’ijuru (Itanguriro 28:12; Yohana 1:51); kuri urwo rwego niho abamarayika b’lmana baduga bakamanuka; ni narwo rwatumye isi yugururirwa inzira irushikana ahera cane. Iyo Isirayeli nk’ihanga, igamburukira ijuru, Yerusalemu yari guhagarara yemye ibihe vyose, yari kwama iseruka nk’uwatoranijwe n’Imana (Yeremiya 17: 21-25). Ariko kahise k’ubwo bwoko bwatoranijwe kari kagizwe n’inkuru zo gusubira inyuma no kugarariza. Bari baranse kwakira ubuntu bwo mw’ijuru; ntibaha agaciro iteka bagiriwe kandi akaryo bari barahawe bari bagafashe minenerwe.IB 17.1

    Nubwo Isirayeli yari ” yarashinyaguriye intumwa z’Imana, igakengera amajambo yayo, igatwenga abo yavugisha (2 Ngoma 36:16), gushitsa aho uburake bw’Uhoraho bwabaye kuri bo, butari bugishobora kugarurwa”; Uhoraho ntiyahengeshanije kubiyereka nk’ “Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi kandi yama ari Iyizigirwa” (Kuvayo 34:6). Itaravye ibihe bitandukanye bagiye bayitera umugongo, yakomeje kubinginga kubw’imbabazi ziwe. Kurusha uko umuvyeyi yogirira impuhwe umwana wiwe yitwarararikana urukundo, Imana ” ya ba sekuruza, yari yabatumyeko intumwa zayo; ikama izindurwa uko bukeye no kubatuma, kuko yatewe akagongwe n’abantu bayo yagomba kuzigama”(2 Ngoma 36:16). Ugukangira, ukwinginga hamwe n’uguhana bimaze kunanirana, Imana yabarungikiye ingabirano iruta izindi yo mw’ijuru; mbere igisumba ico, ijuru ryose yararigavye mu ngabirano imwe yatanze.IB 17.2

    Umwana w’Imana yararungitswe ubwiwe kugira ngo agondoze igisagara cakomantaje umutima. Kristo ni we yari yakuye Isirayeli muri Egiputa nk’ “uruzabibu rw’agaciro” maze irubadika i Kan an i (Zaburi 80:8). Ukuboko kwiwe ni kwo kwari kwirukanye abapagani imbere y’ubwoko bwa Isirayeli. Yari yaruteye ku gatumba kimbuka cane. Umurinzi wa rwo yari yarwitwararitse ku buryo bushoboka. Yari yarungitse abasoda biwe ngo barukorere. Rero aravuga ati: “ikindi kintu nari nkwiye gukorera uruzabibu rwanje ntarukoreye ni igiki?” (Yesaya 5:1-4). N’ubwo mu gihe hari hitezwe ko rwama imizabibu nyayo, rwamye imizabibu y’injabija, hari hasigaye ivyizigiro yuko rwogira ico rwama. Yarihagurukiye we ubwiwe, arishikira kuraba urwo ruzabibu, ngo arabe ko ata buryo buriho bwotuma rutorandurwa. Yararurimiye hirya no hino, ararusasira atako aranarututurira. Ntiyigeze acika intege ngo abure ishaka ryo gukora uko ashoboye ngo akize uruzabibu mu biterwa vyiwe.IB 18.1

    Mu gihe kingana n'imyaka itatu, Umwami we soko y’umuco yaragendereye abantu biwe. “Yagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama”, kubohora abanywagutse imitima, kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’impumyi ko zihumutse, ko abacumbagira bagenda, n’ibipfamatwi ko vyumva, gukiza abanyamibembe, kuzura abapfuye no kubwira ubutuma bwiza aboro. (Ivyakozwe n’Intumwa 10: 38; Luka 4:18; Matayo 11:5). Umuhamagaro w’ubuntu bw’Imana wahabwa abantu bose. Yagira ati: “Ni muze kuri jewe, mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura” ( Matayo 11: 28).IB 18.2

    Nubwo yagira neza ariko abantu bakamwitura inabi, yabakunda bakamwanka (Zaburi 109:5), ntivyamuciye intege; ahubwo yarashishikaye cane igikorwa c’imbabazi. Abarondeye ko abagirira ubuntu ntiyigeze na rimwe abakumira. Nubwo yari ingenzi idafise icumbi, agatukwa kandi agakengerwa ku musi ku musi, yabayeho kugira ngo afashe abantu mu vyo bakenye kandi aremeshe abantu bagowe, abingingira kwemera kwakira ingabirano y’ubuzima. Ibisebuzi vy’ubuntu bushubijwe inyuma n’imitima y’izo ntagondwa, vyakiranwa n’ikigumbagumba c’impuhwe gikomeye, urukundo utomenya ukuntu usigura. Ariko rero Isirayeli yari yateye ibitugu umugenzi wayo ahambaye hamwe n’umufasha wenyene yari afise. Ukwinginga kwiwe hamwe n’urukundo vyari vyasenzwe; impanuro ziwe ntizari zakiriwe; imburi ziwe zari zakengerewe.IB 18.3

    Igihe c’imbabazi n’ivyizigiro cariko kirengana kinyaruka; igikombe c’uburake bw’Imana cari kimaze kwuzura. Igicu cari ciyegeranije muri iyo myaka yose y’ubuhakanyi n’ubugumutsi cari kimaze kwirabuzwa n’ivyago; cari kigiye gutwikira ubwoko bwagararije; kandi uwashobora wenyene kubakiza ako kaga kari kabarindiriye yari yakubaguwe, arahohoterwa, baramwihakana; hamwe n’ivyo yari agiye kumanikwa ku giti bidatevye. Igihe Kristo yabambwa ku musaraba w’i Kaluvari, umusi wa Isirayeli nk’ubwoko bwatoneshejwe kandi bwahezagiwe n’Imana wari urangiye. Ugutakaza umuntu umwe wenyene ni ivyago bisumvya uburemere inyungu n’ubutunzi bw’isi; ariko Kristo yitegereje Yerusalemu, abona agatikizo kari kagiye gushikira igisagara cose, igihugu cose, kari imbere yiwe ico gisagara, ico gihugu, cigeze kuba igihe kimwe icatoranijwe n’Imana, inyegu idasanzwe yiharije.IB 18.4

    Abavugishwa n’Imana baririye Isirayeli ku bwo ubuhakanyi bwayo hamwe n’amakuba yayishikiye kubera ivyaha vyayo. Yeremiya yipfuza ko amaso yiwe yoba isoko idudubizamwo amarira; ko yari akwiye kubogoza umurango n’ijoro ku bwo gusogotwa kw’umukobwa mukuru w’ubwoko bwiwe; ku bwo umukuku w’intama z’Umwami unyazwe.(Yeremiya 9:1; 13: 17). None icagirizo c’uyo yari yabonye ibintu hakiri kare, imbere y’igihe, cari iki? Yabonye umumarayika arimbura afise inkota ayibanguriye igisagara cigeze kuba igihe kirekire icicaro ca Yehova. Aravye ari hejuru ku musozi Wa Elayono, ikibanza cahavuye mu nyuma cigarurirwa n’intwazangabo Titusi hamwe n’abasirikare biwe; yaratereye akajisho arengana umwonga maze abona ibibanza vy’iteka hamwe n’ibirimba; maze afise amosozi mu maso abona mu rukurikirane rw’ingorane, ibihome bikikujwe n’abakavantara. Yumvise intambuko z’abasoda bagiye ku rugamba. Yumvise amajwi y’abavyeyi n’abana babo batura ubuku kubera inzara kuko igisagara bari bagikikuje. Yabonye ingoro yiwe iteye igomwe kandi y’iteka, ibirimba vyayo n’iminara yayo bisha biratokombera; ahahora hateramirwa hari hahindutse ikigungazi c’imisakamburira ifumba umwotsi. Yitegereje uko imyaka yagiye ikurikirana, yabonye ubwoko bw’isezerano bushwiragijwe mw’isi nk’ibisigarira vy’ubwato bwasambukiye ku kivuko kiri mu gahinga ha conyene.IB 18.5

    Mu vyago vyari birindiriye gushikira Yerusalemu kubera ingaruka z’ivyo abisirayeli bakoze, yabonye isanamu ry’akantu gato cane ugereranije n’uburake bwuzuye igikombe izonywesherezwako ku musi w’urubanza rwa nyuma. Impuhwe z’Imana, urukundo rusiga ubwenge, bibonekera muri aya majambo ateye agahinda. “Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw’inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda” (Matayo 23: 37). “Ese iyo wewe, gisagara cakundwakajwe gusumvya ibindi, umenya igihe wagendewe hamwe n’ibintu amahoro yawe yenenako! Narahagaritse marayika w’ubutungane, naguhamagariye kwihana, ariko ntaco vyashitseko. Ntiwasuzuguye kandi ntiwihakanye abasuku bonyene, intumwa hamwe n’abavugishwa n’Imana; wasuzuguye Uwera wa Isirayeli, umucunguzi wawe. Nimba bishitse ugasamburwa, ni wewe wenyene bikomotseko”. “Ariko muranka kuza kuri jewe kugira muronke ubugingo” (Yohana 5: 40).IB 19.1

    Muri Yerusalemu, Yesu yabonyemwo ikimenyetso c’isi ikomantaje umutima mu kutizera no mu kugumuka, kandi yihutira gucirirwa urubanza n’Imana ku vyo yakoze. Imibabaro y’abantu banangiriye imitima yabo ni yo yamutuntuje maze ituma iminwa yiwe icura intimba. Yabonye ikimenyetso c’icaha mu magorwa ashikira abantu, mu marira hamwe no mu maraso aseseka; umutima wiwe wari uremerewe n’umubabaro kubera abo bose bafise ibibahanze kandi bababajwe. Yari yiyemeje kubatezurira bose. Ariko nubwo ukuboko kwiwe kutari kubura gucagagura akagozi k’imibabaro ishikira abantu, abamurondereyeko isoko y’ubufasha babaye bake. Yari yiteguye no gupfa kugira ngo agakiza gashobore kubashikira; ariko bakeya ni bo bamusanze kugira ngo bashobore kuronswa ubuzima.IB 19.2

    Mbega ntibitangaje kubona Umwami w’ijuru akorora amasozi, Umwana w’Imana nzima ashikirwa n’umubabaro, agakubitishwa inkoro hasi n’agahinda? Ijuru ryose ryakurikiriye hafi ivyo bintu riratangara. Ivyo vyamushikiye bitwereka ingene icaha ari ubugesera. Igikorwa co kukirandurana n’imizi nticoroheye na gato nyene ubushobozi bwose, aho yariko ararondera gukiza uwagabitanije, ingaruka zo kurenga amabwirizwa y’Imana. Yesu, ariko aritegereza urunganwe rw’ibihe vya nyuma, yabonye isi yatwikiriwe n’ ikinyoma gifitaniye isano nico catumye Yerusalemu isambuka. Icaha gihambaye abayuda baguyemwo ni uko bihakanye Kristo. Icaha gihambaye c’abitiriwa Kristo gishobora kuzoba kugarariza amabwirizwa y’Imana, yo mushinge w’ubutware bwayo mw’ijuru no mw’isi. Ivyagezwe vya Yehova bizokwirengagizwa kandi bishirwe i ruhande. Abantu ibihumbi n’ ibihumbagiza bari mu buja bw’icaha, baboshwe na Satani, barindiriye gushikirwa n’urupfu rwa kabiri, bazokwanka kwumviriza amajambo y’ukuri ku musi bazoba bagendeweko.IB 19.3

    Hasigaye imisi ibiri yonyene ngo Pasika ishike, igihe Kristo yari yasohotse ubwa nyuma mu rusengero amaze kugaragaza uburyarya bw’abarongozi b’abayuda; yongeye kujana n’abigiswha biwe ku musozi Elayono maze yicarana na bo ku gatumba karengewe n’ubwatsi kari gahanamiye ico gisagara. Yarongeye arihweza impome z’ico gisagara, iminara yaco hamwe n’ibirimba vyaco. Yarongeye aritegereza urusengero rwaho ingene ruteye igomwe, urugori rw’ubwiza buteye iteka uyo musozi.IB 20.1

    Imyaka igihumbi yari iheze umunyezaburi amaze kuninahaza ubuntu Imana yagiriye Isirayeli mu kwemera guhindura inyubakwa yayo nyeranda inyubakwa igerereyemwo. “Kandi i Salemu ni ho hema ryayo; i Siyoni ni ho buvyagiro bwayo”. “Ariko itoranya umuryango wa Yuda, umusozi Siyoni yakunze. Yubaka urusengero rwayo rwera rusumba impinga z’ imisozi”. (Zaburi 76:2; 78: 68,69). Urusengero rwa mbere rwari rwubatswe mu gihe Isirayeli yari yamamaye mu mateka y’isi yose. Umwami Dawidi yari yegeranije ubutunzi hamwe n’ ibindi vyose bifise agaciro ngo haboneke uburyo bwo kwubaka iyo ngoro; kandi Imana ni yo yari yerekanye ingene iyo ngoro yokwubakwa.(l Ngoma 28: 12, 19). Salomo, umunyabwenge mu bami baganje mu bw’ Isirayeli yari yaheraheje ico gikorwa. Urwo rusengero cari igikorwa c’ akaroruhore; nta na hamwe kw’isi inyubakwa nk’iyo yari bwigere iboneka. Ariko ivyo ntivyari vyabujije ko, abicishije mu kanwa ka Hagayi, Umwami agira ico ashikirije kijanye n’ urusengero rugira kabiri: tcubwiza bwo hanyuma buzoba kuri iyi ngoro buzorusha ubwa mbere”. “ Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kandi ivy’ igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubwiza, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize” (Hagayi 2: 9,7).IB 20.2

    Urusengero rumaze gusamburwa n’ umwami Nebukadineza, rwongeye gusanurwa n’ abantu bari babaye igihe kirekire inyagano mu kindi gihugu, maze bagarukanwa mu gihugu cari cahindutse nk’umusaka, kiratabwa. Ivyo vyabaye imbere y’ imyaka 500 Yesu ataravuka. Muri abo bantu harimwo abari bamaze kuba abahumure bari barigeze kubona ubwiza bw’ingoro ya Salomo. Abo bakoroye amosozi babonye umushinge w’iyo ngoro nshasha bagomba kwubaka yarushwa ubwiza n’iyo ya mbere yari yarasambuwe. Ingene abo bakurambere babona ibintu ni vyo vyashizwe ahagaragara na Hagayi akoresheje aya majambo: “Mbega ni nde agisigaye muri mwebwe yoba yarabonye ubwiza iyi ngoro yahoranye ubwa mbere? Ubu ho muyibona mute? Ubu si nk’ubusa mu maso yanyu?” (Hagayi 2:3; Ezira 3: 12). Aha rero ni ho haca hatangirwa isezerano ko iyo ngoro ya nyuma izorusha ubwiza iyayibanjirije.IB 20.3

    Ariko rero iyo ngoro igira kabiri ntaco yari isaniyeko n’iyo ya mbere mu kuba iteye igomwe; nta nubwo yari yubahitse kubera ibikoresho vyari biyishinguwemwo bitagaragaza ko Imana iyigerereyemwo nk’uko vyari bimeze mu ngoro ya mbere. Nta kintu kigaragara c’ubushobozi kidasanzwe cayibonetseko mu gihe c’ibirori vyo kuyinjira. Nta gicu c’ubwiza caboneka ngo gitwikire ihema ry’ibonaniro ryari rishinzwe bundi busha. Nta muriro watibuka uva mw’ijuru ngo uze uturire utongore ikimazi kiri ku gicaniro c’iyo ngoro. Bwa bwiza budasanzwe bwabonekera hagati y’abakerubi ahera cane ntibwari bukiboneka; isandugu y’isezerano; intebe y’imbabazi hamwe n’ibisate vy’ibishingantahe ntivyari bikiyibonekamwo. Nta jwi ryari ricumvikana rivuye mw’ijuru ngo rishikire abaherezi bipfuza kumenya ivy’ubugombe bwa Yehova.IB 20.4

    Mu binjana bitari bike, abayuda bari baragerageje kwerekana ko isezerano ryerekeranye n’iyo ngoro, Imana yatanze iricishije kuri Hagayi, ko ryashikijwe; ariko ukwishira hejuru hamwe no kutizera vyari vyabahumye amaso bituma badatahura ubusobanuro nyakuri bw’amajambo yashikirijwe n’uyo muvugishwa n’Imana. Ingoro ya kabiri ntiyari itejwe iteka n’ubwiza bw’igicu Yehova yihishuriramwo; ahubwo yari itejwe iteka n’umwe musa muzima, abonekeramwo ubunengesere bw’Imana mu butatu bwayo bwuzuye- yari Imana ubwayo yiyambitse umubiri. Uwipfuzwa n’amahanga yose, ni we yari yaje mu ngoro yiwe hamwe wa mugabo w’i Nazareti yigishiriza kandi agakiriza abantu mu birimba vyayo. Mu maso ya Kristo, muri we honyene, ni ho ingoro ya kabiri yarushiriza ubwiza iya mbere. Ariko rero Isirayeli yari yigije kure iyo ngabire yari yavuye mw’ijuru. Kubw’uwo mwigisha yicisha bugufi yari yasohotse, uyo musi, akaja hanze y’irembo ry’izahabu, ubwiza bw’iyo ngoro bwari bwayeyutseko. Iryavuzwe n'umukiza ryari ryamaze gushika: “Raba inzu yanyu muyitanywe ari umusaka” (Matayo 23:38).IB 21.1

    Abigishwa batekewe n’ubwoba baranatangara aho Kristo yamenyesha ko urusengero ruzosambuka ntihagire ibuye risigara ku rindi; ivyo vyabateye kurondera gutahura ku buryo bwimbitse ubusobanuro bwaguye bw’amajambo yiwe. Mu gihe kirenga imyaka mirongo ine, ubutunzi, ishaka ry’ibikorwa hamwe n’ubuhinga mu kwubaka vyariyongereye ata nkomanzi kugira ngo iyo ngoro irushirizeho kuba nziza. Herode mukuru yari yafashe ku butunzi bw’aba Roma hamwe n’ubw’abayuda abukorera kuri iyo ngoro; mbere na Kayisari yari yatanze ingabirano maze zikoreshwa kuri iyo ngoro. Amabuye manini y’amasare, y’agaciro, y’ubwaguke budasanzwe, yari yarungitswe avuye i Roma kubera ico gikorwa; ni nayo ahanini yari yubatse urwo rusengero. Iki rero ni co cari catumye abigishwa ba Yesu barwishimira maze bumva bagoberewe n’uko Umwigisha nawe yobizirikana, maze baca bamubwira bati : ” Mwigisha, raba aya mabuye ukw’ari, n’iyi nyubako uko iri” (Mariko 13:1).IB 21.2

    Yesu yishuye icese, kuri aya majambo, atarya umunwa ababwira ati: ” Ntimubona ivyo vyose? Ndababwire ukuri: Aha ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi” (Matayo 24:2).IB 21.3

    Mu gusambuka kwa Yerusalemu, abigishwa ba Yesu babibonamwo igihe c’umuzo nyezina wa Yesu mu cubahiro c’umwanya muto, kugira ngo yimikwe nk’umwami w’ingoma y’ico gihe; ahane abayuda banangiriye imitima kandi ahagarike agahotoro n’agacinyizo k’Abaroma. Umukiza yari yarababwiye ko azogaruka ubugira kabiri. Rero aho yababwira ko Yerusalemu izoshikirwa n’ingorane igasamburwa, ubwenge bwabo bwaciye bwihutira kubona uwo muzo wiwe; hanyuma kubera ko bari bagandagaje hamwe n’Umwigisha ku musozi wa Elayono, baciye bamubaza bati: “Tubwire, ivyo bizoba ryari, kandi ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’umuhero w’isi?”( Matayo 24:3).IB 21.4

    Ku neza yabo, abigishwa bari banyegejwe kazoza. Iyo muri ako kanya batahura ibintu bibiri biteye ubwoba- imibabaro yari irindiriye umukiza hamwe n’urupfu rwari gukurira; hamwe n’isamburwa ry’igisagara c’i Yerusalemu hamwe n’urusengero rwaho- ntibari kuvyihanganira, vyari kubarengera. Ico Yesu yabakoreye kwabaye kubacira ku masonga ibintu bikuru bikuru vyategerezwa gushika imbere y’ivyo bihe bihambaye. N’aha nyene amajambo yiwe ntibari bayatahuye ku buryo; insiguro yayo yari irindiriye gushirwa ahagaragara igihe cose abantu biwe bari kuba bakeneye kumenya ivyitonderwa binyegejwe muri yo. Ijambo ry’ubuhanuzi yabashikirije ryari rifise insiguro zibiri: n’ubwo ryabura isamburwa ry’igisagara c’i Yerusalemu, ryanatunga agatoke k’ubwoba bukomeye kubw’umusi uhambaye w’iherezo.IB 22.1

    Yesu yamenyesheje abigishwa bariko bamwumviriza urubanza rwari gucirirwa Isirayeli yamwihakanye, na cane cane ingaruka yo kubihora yari kubashikira kubera ko bihakanye kandi bakabamba ku musaraba Uwasizwe. Hariho ibimenyetso umuntu atokwihendako vyategerezwa gushika imbere y’uko ivyo bihe biteye ubwoba bishika. Iyo saha urupfu rwari kubashikira yari gushika giturumbuka kandi ikaza bwa kayombekere. Rero Umukiza yaragabishije abamukurikiye avuga ati: “Nukw’aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bw’ubugesera gihagaze ahantu hera, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana -usoma ni yiyubare- ico gihe abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire” (Matayo 24: 15, 16; Luka 21: 20, 21). Mu gihe ingabo z’abapagani z’abaroma zari kuboneka mu kirimba ceranda gifise uburinganire butari buto uhereye aho impome z’ igisagara ceranda gitangurira; abakristo nta handi bari kuziga urukiza rwabo uretse mu ruhungo. Igihe ivyo bimenyetso vy’imburi vyari kuba vyamaze kuboneka, abo bategerezwa kunyaga amagara nta kanya bari bafise ko kuzirora. Mu gihugu cose c’i Yudaha hamwe no mu gisagara c’i Yerusalemu ubwaho, bari bakwiriye kwubahiriza iki kimenyetso kibararikira guhunga. Uwari kuba ari hejuru ku nzu mu gihe ico kimenyetso cari kuboneka, ntivyari bikwiye ko amanuka ngo asubire mu nzu, n’aho kwaba ari ukujayo ngo arabe ko yohungana itunga ry’agaciro yari kuba asanganywe. Abari kuba bariko barakorera mu mirima canke mu ruzabibu ntibari kugaruka inyuma ngo batore umwambaro bari kuba bakuye bakawurambika ku ruhande igihe boba bariko barakora hashushe. Ntibari barekuriwe gukekeranya na gato; bategerezwa guhunga nimba badashaka gushikirwa n’isamburira rusangi ryari ririndiriye Yerusalemu.IB 22.2

    Ku ntwaro ya Herode, Yerusalemu ntiyari yatunganijwe neza gusa ku buryo buhambaye, ariko ukuhubaka iminara, impome hamwe n’ibibanza vy’intamenwa vyongereza ubwiza n’ubukomezi ico gisagara cari gisanzwe gifise kubera ikibanza cari gisanzwe cubatswemwo. Ivyo rero vyatanga icizere ko ata muntu yari kuhaturikira ngo ahatere maze ahafate. Ico gihe, uwari kurikura mu kanwa maze akavuga icese ko Yerusalemu ishobora gusenyuka, yari guhava afatwa nk’umutama yasaze nk’uko vyashikiye Nowa mu gihe ciwe. Ariko Kristo yari yarivumereye ati: “Ijuru n’isi bizorangira arikw’amajambo yanje nta co azoba” (Matayo 24: 35). Kubera ivyaha vya Yerusalemu, uburake yari yaragiriwe bwari bwaratangajwe; akagagazo kayo mu gukomantaza umutima ni ko katuma agatikizo kayo kaba ntabanduka.IB 22.3

    Abicishije mu kanwa k’ uwavugishwa n’Imana Mika, Umwami yari yaravuze aya majambo ati: “Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’izu ya Isirayeli, mwebwe abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose; abubakisha Siyoni amaraso muvishije, n’i Yerusalemu mukahubakisha ibigabitanyo! Abakuru baho baca imanza kubw’ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu; yamara bisunga Uhoraho, bakavuga bati: Mbega Uhoraho ntari muri twebwe? Bati erega nta cago kizodushikako” (Mika 3:9-11).IB 22.4

    Mu buryo bwo kwizigirwa, aya majambo yerekeza ku bantu b’i Yerusalemu bari barononekaye ariko bakibonako ubugororotsi. Mu gihe berekana ko bitondera badahugumba ibisabwa n’amabwirizwa y’Imana, wasanga batabura guca kubiri n’inyigisho zayo zose. Baranka Yesu urw’inkoko n'akagomba kubera ugutungana kwiwe hamwe n’ubweranda kuko ivyo ni vyo vyagaragaza icaha cabo; kandi wasanga bamwagiriza ngo niwe nkwezi y’amarere y’ingorane zabashikiye nk’ingaruka ku vyaha vyabo. N’ubwo bari bazi ko ata caha yakoze, bari baratangaje icese ko yari akwiriye gupfa kugira ngo igihugu cose gikire. Abarongozi b’abayuda wasanga bavuga bati “Ni twamurekeraho dutyo, bose bazohava bamwizera, kand’Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubwoko bwacu.” (Yohana 11:48) Iyo Yesu yari kuba yatanzwe nk’incungu, babwirizwa guca bahinduka irindi rimwe ubwoko buhambaye kandi bufatanye mu nda. Rero uko ni ko biyumvira, gutyo bifatanya n’umuherezi wabo mukuru mu ngingo yari yashikirije yuko ikibereye ari uko umuntu umwe yopfa ah’uko igihugu cose coherengetezwa.IB 23.1

    Ubwo ni bwo buryo abarongozi b’abayuda “bari bubakishije Siyoni amaraso bavishije, Yerusalemu nayo bayubakisha ibigabitanyo”.(Mika 3:10) Kandi mu gihe bari basogose umukiza wabo kuko yari yaneguye ivyaha vyabo, ntivyababujije kwibonako ubugororotsi nk’ubwoko Imana yatonesheje kandi bwiteze ko Umwami abukiza abansi bari babugeramiye. Kubw’ivyo, umuvugishwa n’Imana Mika abandanya avuga ati: “Nico gituma Siyoni hazohinduka ubusize kubwanyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswe kw’iyi ngoro uhinduke nk’ikibira kiri ku mpinga y’umusozi”. (Mika 3:12)IB 23.2

    Imyaka mirongo ine yararangiye Yesu atangaje ubwiwe agatikizo ku gisagara c’i Yerusalemu; Umwami ntiyashotse acira urubanza ico gisagara n’abantu bakibamwo. Vyari ibintu bitangaje kubona ukuntu Imana yihanganira abantu banse kwakira ubutumwa bwiza yabarungikiye kandi bakagenderwa n’umwana wayo.Umugani w’umusukoni utamye werekana ukuntu Imana irajwe ishinga n’ubwoko bw’abayuda. Ibwirizwa ryari ryatanzwe ku buryo budasubirwako: “n’uwuce, ugasarira iki aha hantu”? (Luka13:7) Ariko ubuntu bw’Imana bwari bwatumye baba barabayeho akandi kabiri. Benshi mu bayuda bari abantu bataratahura kamere n’igikorwa ca Kristo. Kandi abana ntibari bwashimishwe n’akaryo kabonetse canke ngo barons we k’umuco abavyeyi babo bari barahawe maze bakawirengagiza. Kubwo insiguro z’intumwa hamwe n’abazifasha, Imana yari kubakiriza umuco; bari kuronswa akaryo ko kubona ingene ubuhanuzi bwashikijwe, bidaciye gusa mu kuvuka no mu kubaho kwa Kristo, ahubwo biciye no mu gupfa hamwe no mu kuzuka kwiwe. Abana ntibari baciriweko iteka kubwo ivyaha vy’abavyeyi babo; ariko, kubwo gusobanukirwa umuco wose abavyeyi babo baronse; abana nta nuko bazirikanye umuco bo bari baronse nk’inyongera; ivyo vyatumye bifatanya n’abavyeyi babo mu vyaha vyabo; gutyo baba biyujurije igikombe c’uburake.IB 23.3

    Ukwihanganira Yerusalemu kw’Imana kwateye abayuda kurushirizaho gukomantaza imitima yabo ntibihana.Urwanko hamwe n’ukugirira nabi abigishwa ba Yesu vyari vyatumye banka kwakira ubwa nyuma imbabazi ban bategekanirijwe. Rero Imana yaciye ibakurako uburinzi bwayo kandi ntiyaba ikizibiye Satani n’abamarayika biwe ngo ibitero vyiwe ntibibashikeko. Igihugu caciye gisigara mu minwe y’abarongozi cagomwe kigatora. Abana baco bari birengagije ubuntu bwa Kristo bwari kubashoboza gutsinda ivyiyumviro bibi bari bafise; noneho vyaciye bibaganza. Satani yavyuye ingunza hamwe n’ivyiyumviro vyo hasi cane umutima ushobora kugira. Abantu ntibari baciyumvira bifata nk’abadafise ubwenge; barongorwa n’ivyipfuzo vy’imitima yabo bakagenda nk’uko boba ari impumyi. Bahindutse nka Satani mu gukora ikibi. Haba mu miryango canke mu gihugu; haba mu bahambaye canke mu boroheje; abantu barangwa n’ukwikekana, ishari, urwanko, ukutumvikana, ubugumutsi hamwe n’ubwicanyi. Nta hantu na hamwe umuntu yari atekaniwe. Abagenzi hamwe n’incuti zishika bararyarukana. Abavyeyi barasogota abana babo, bano nabo bakabasubiriza mu ndumane uko nyene. Abari baratewe iteka ryo kurongora abandi ntabushobozi bari bafise bwo kwirongora bo ubwabo.Ivyipfuzo bari bahaye indaro vyari vyabagize ba ruburakigongwe. Abayuda bari bakoreye ku vyagirizi vy’ibinyoma bituma bacira urwo gupfa umwana w’Imana. Ubu rero ivyagirizi vy’ibinyoma vyari vyatumye ubuzima bwabo bwama bubangamiwe. Kubwo ibikorwa vyabo bigayitse, ico bari bamye bavuga kuva kera cari iki ngo “mukure uwera w’abisirayeli imbere yacu”.(Yesaya 30:11) Ubu rero ico bipfuza bari bagishitseko. Ukutagira ico batinya ntivyari bikibabuza gutekanirwa. Satani niwe yari kw’isonga ry’uburongozi bw’igihugu, kandi abatware bo hejuru mu vy’intwaro hamwe no mu vy’idini bari musi y’ukuboko kwiwe.IB 24.1

    Abarongozi b’iyindi mirwi batavuga rumwe vyamshika bakumvikana bagakorera hamwe kugira ngo basahure kandi bacunaguze imbohe zaba zabaguye mu vyara; ariko kandi ivyo ntivyababuza gusubiranamwo bagakererana ata kinya. Ubugizi bwa nabi butagira izina bwabo ntibwanasonera ubweranda bw’ingoro y’lmana. Abaje gusenga baricirwa imbere ya alutari maze ihema rigahumana kubw’imivyimba y’abantu bishwe. Kubera inkore zari ku maso yabo hamwe n’ubugizi bwa nabi bashira imbere, abari kw’isonga ry’ico gikorwa giteye isoni ntivyabuza ko batangaza icese ko ata mpungenge bafise ko Yerusalemu yosamburwa, kuko cari igisagara c’Imana. Kugira ngo bashimangire ubutegetsi bwabo ku buryo buhambaye, barahera abantu bigira abavugishwa n’Imana kandi atari bo ngo batangaze, mbere no mu gihe ingabo z’abaroma zari zikikuje urusengero, ko abantu bakwiriye kwitega agakiza kari buve ku Mana. Gushika ku munota wa nyuma, abantu benshi bagumanye ikizigizigi ko Kibirengeye ari bwiyerekane kugira ngo ahundagaze abansi babo. Ariko rero kuko Isirayeli yari yateye umugongo uburinzi bw’Imana, ntiyari igifise umurengezi. Yerusalemu yari yaguye mu kaga; yari yatabaguwe n’imigwi ishamiranye. Mu mayira yayo hatemba amaraso y’abana bayo bishwe n’amaboko y’abo bakijije, mu gihe abasoda b’abansi bariko basambagura ibihome vyabakingira kandi bakamarira ku buhomba intwari bari bafise.IB 24.2

    Ibimenyetso vyose Kristo yari yaratanze bijanye n’isamburwa ry’igisagara ca Yerusalemu vyarashitse nk’uko vyari vyarabuwe. Abayuda bariboneye bo ubwabo ukuntu amajambo y’imburi bari bahawe yabashitseko. “Ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe”. (Matayo 7:2)IB 24.3

    lbimenyetso hamwe n’utwumiza vyaragaragaye bibura akaga n’agatikizo vyari bigiye gushika. Mu gicugu hagati, umuco utari umenyerewe warakayanganiye ku rusengero hamwe no kuri alutari (ku ruhimbi). Mu gihe izuba ryariko rirarenga, ku bicu ryarasirako habonetse imikogote hamwe n’abantu biteguriye bariko baratororokana. Abaherezi bari ku gikorwa iryo joro mw’ihema bumvise amajwi batari bamenyereye; umutigito w’isi warumvikanye kandi humvikana n’amajwi menshi avuga ngo: “ni muze tuve aha hantu”. Urugi rwerekeye i burasirazuba rwari rusanzwe ruremereye ku buryo abantu mirongo ibiri batashobora kuruhindukiza barwugara; kandi rukaba rwari rusanzwe rwugaye ruzibiriwe n’ibigegene vy’ivyuma biboheye mu mushinge w’amabuye, rwariyuguruye ubwarwo ata muntu biboneka ko arukozeko.(Milman, The History of the Jews, book 13.)IB 25.1

    Mu gihe kingana n’imyaka indwi, hari umuntu yama agendagenda mu mabarabara y’l Yerusalemu akamenyesha icese ko igisagara buca gishikirwa n’ivyago. Ku murango no mw’ijoro yama yasubiyemwo aya majambo: “Ijwi rivuye i burasirazuba! Ijwi rivuye i burengerazuba! Ijwi rivuye ku miyaga ine! Ijwi ridahumuriza kuri Yerusalemu no ku rusengero! Ijwi ridahumuriza abagore n’abagabo! Ijwi ridahumuriza igihugu cose”. Uyu muntu w’icaduka yarafashwe, arabohwa mbere aranakubagurwa ariko akanwa kiwe nta jambo na rimwe ryo kwidoga kasohoye. Ahubwo abamutuka bakanamukengera yabishura gusa avuga ati: “Ivyago, ivyago birashikiriye Yerusalemu. Ivyago, ivyago birashikiriye ababa i Yerusalemu”. Yabandanije asemerera, abura, gushika aho bamusogoteye i Yerusalemu hatewe, nk’uko yari yarabibuye.IB 25.2

    Nta mukristo n’umwe yatakarije ubuzima bwiwe i Yerusalemu igihe yasamburwa. Kristo yari yaraburiye abigishwa biwe kandi abo bose bari bizeye ijambo yavuze barareretse ko ikimenyetso yababwiye gishika. Yari yaravuze ati: “Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bwaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” (Luka 21:20, 21) Abasoda b’abaroma barongowe na Sesitiyusi bamaze gukikuza igisagara, ivyabashikiye ntibari bavyiteze na gato: bahavuye basambura ibirindiro vyabo bari bashinze, basubira inyuma; mu gihe wari umwanya ubereye kuri bo ngo babe botera. Mu gihe hari hasigaye gato, abari basagirijwe, bakikijwe, ngo bishikane kuko ata vyizigiro vyo guhangana n’abansi babo bari bagifise; niho intwazangabo y’abasoda b’abaroma yabwira abo arongoye ngo basubire inyuma kandi ata mpamvu n’imwe yaboneka. Ariko ubuntu bw’Imana bwari bwasutswe kugira ngo ivyariko birashika vyose bubihe intumbero izanira iciza ubwoko bwayo. Ikimenyetso cari cavuzwe cari cahawe abakristo bari barindiriye; rero akaryo kari kabonetse noneho ku bari babishoboye bose ko kwisunga imburi umukiza yari yatanze. Ivyariko bishika vyari vyabaye amayobera ku buryo haba abayuda canke abaroma, nta n’umwe yari gushobora kubuza abakristo kunyaga amagara. Mu gihe Sesitiyusi yari ahevye gutera Yerusalemu ingabo arongoye zigasubira inyuma, abayuda baciye basohoka igisagara cabo, bakurikirana ingabo ziwe. Mu gihe rero bariko batana mu mitwe, abakristo baciye baharonkera akaryo ko gukinjura, bava mu gisagara barahunga. Uruhungo rwabo rwari nko gusiga inzira amavuta kuko abari guhava bababera intambamyi ngo ntibahungire mu mitumba bari bavuyeyo. Ico gihe Yerusalemu yari yazinzwe, abayuda bari bakoraniye mu gisagara kuko bigina urn us i mukuru w’ insago. Ivyo vyari vyahaye abakristo guhungira mu mitumba ata n’umwe abariye urwara. Rero ntiwari umwanya wo kuzirora; baciye bahungira ahantu hari umutekano: mu ntara ya Pere, mu gisagara ca Pela, hakurya ya Yorodani.IB 25.3

    Ingabo z’abayuda zakurikiye Sesitiyusi n’abasoda biwe, zateye bimwe bikomeye abari basigaye inyuma, zirabankiriza, zirabatsiratsiza. Rero ingabo z’abaroma ntizorohewe namba mu gihe zariko zirasubira inyuma. Abayuda bo ni nk’uko ataco batakaje maze basubira i Yerusalemu bigina intsinzi hamwe n’ivyo banyaze. Ariko rero iyi ntsinzi idafise ishingiro yababereye inkwezi y’amarere. Yatumye baca bagira agatima gakomantaye, barangwa n’ingendo yo guhangana n’abaroma: ivyo vyakururiye igisagara ivyago, bibazanira agatikizo katagira izina.IB 26.1

    Yerusalemu yashikiwe n’ivyago bikomeye, ibara riragwa, aho Titus yongera kuhakikuza. Aho igisagara caterwa hari mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika, aho abayuda isinzi bari bakoraniye i Yerusalemu. Aho babika ibifungurwa bari gushobora kwikorako imyaka itari mike hari hasambuwe kubera ishari hamwe n’ ukwihorahorana kw’imirwi itacana uwaka hagati yayo. Rero ibihe vy’inzara barimwo vyari biteye ubwoba. Ingero y’ingano yagurwa italanto. Inzara yariho yazura inzara kuko abantu bari basigaye bikora ku ngozi y’imikanda yabo, isandari canke inkinzo zabo ngo babironderemwo ivyo bafungura. Igitigiri c’abantu atari bake cariyiba mw’ijoro, kigasohoka hanze y’impome z’igisagara kurondera ivyatsi bokwahira ariko bidasanzwe biribwa. N’ubwo benshi muri bo bafatwa bakicwa babanje gucunaguzwa nabi kandi kenshi, abashobora gusubira inyuma barabaka ivyo baba begeranije mu buryo bwo kwigerezako. Abarogoye abandi baracunaguza ku buryo butagira izina abo biyumvira ko hariho utwokurya boba bafise. Kandi kenshi ayo marorerwa yakorwa n’abantu ubona ko batabuze ico gufungura ariko bagendereye gusa kurondera imfungurwa bipfuza kwitegekaniriza muri kazoza.IB 26.2

    Ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu barapfuye kubw’inzara hamwe n’akaranda. Ikigumbagumba ndemanwa abantu bategerezwa kugira nta kibanza cari kigifise; cari cagiye akayombekere. Abagabo bariba abagore; n’abagore nabo bakabigira uko. Abana baraka abavyeyi babo bageze mu zabukuru indya bamaze gushira mu kanwa. Ca kibazo c’umuvugishwa n’Imana ngo “mbega umuvyeyi yokwibagira umwana akiri kw’ibere?” caronkeye inyishu muri ico gisagara cari cash iki we n’agatikizo kadasanzwe. Abagore naho bari bafise ikigongwe bari basigaye bafata abana bivyariye bakabateka, bakaba aribo bahinduka ivyo kurya vyabo; igihe umukobwa w’ubwoko bwacu yagesezwa”. (Yesaya 49:15; Cucura Intimba 4:10) Hamwe n’ivyo, ijambo ry’ubuhanuzi ryari ryarashikirijwe nk’inkebuzo hari haheze ibinjana cumi na bine ryari rishitse: “Umugore wo muri mwebwe yamenyereye kudibama, yahora yamikaye, atohirahira ngo akandagize ikirenge hasi kubwo kwamikara no kudibama, azoraba irarirari umugabo wiwe bapfumbatirana, n’umwana wiwe w’umuhungu n’umukobwa... n’utubondo twiwe azovyara; kukw’azobarira mu mpisho, bitewe no kuburanirwa muri vyose, kubwo kwugarizwa no gusugerezwa, abansi banyu bazoba babasugereje mu bisagara vyanyu”. (Gusubira mu Vyagezwe 28:56, 57)IB 26.3

    Abarongozi b’abaroma bahisemwo gukoresha iterabwoba ku bayuda ngo bashobore kubagonda. Abagirwa imbohe bafashwe maze bakagamika izosi, barakubitwa, bagacunaguzwa maze bakamanikwa kubihome vy’igisagara. Abantu amajana baricwa ku musi ku musi muri ubwo buryo; kandi ubwo bwicanyi bugayitse bwarabandanije mu kiyaya ca Yehoshafati hamwe n’i Kaluvariyo; imisaraba yari itondekeshejwe ari myinshi ku buryo ata hantu ho guca hagati muri yo haboneka. I ryari ryavuzwe n’abayuda imbere y’intebe y’ intahe ya Pilato ryari ribashikiye: “Amaraso yiwe araba ari twebwe akora n’abana bacu” (Mat.27:25).IB 26.4

    Titus yari kuba yahagaritse ubwo bwicanyi bw’agahomeramunwa maze Yerusalemu igashobora gukingirwa gutyo uburemere bw’ivyago vyari biyirindiriye. Yari yatewe n’ubwoba aho yabona imivyimba y’abantu bapfuye irundarunzwe mu kiyaya. Ari ahirengeye ku musozi Elayono yararengewe n’umunezero ariko araraba inyubakwa iteye igomwe y’urusengero maze atanga itegeko yuko ata buye na rimwe ry’iyo nyubakwa rikwiriye gukorwako. Akirondera ukuntu yokwigarurira iyo ngoro; yarasavye ashimitse abarongozi b’abayuda ngo ntibabe bomutera guhumanya iyo nyubakwa kubwo kuyimenamwo amaraso. Iyo baza kwemera bakayisohokamwo bakaza kurwanira mu kindi kibanza ico ari co cose; nta musoda w’umuroma n’umwe yari guhumanya ubweranda bw’urusengero. Yosefusi ubwiwe, mu kwinginga guhambaye yagize, yabasavye ko boshira ibirwanisho hasi, kugira ngo bashobore kwikiza bo ubwabo, bongere barengere igisagara cabo hamwe n’aho basengera. Ariko imivumo y’umururazi ni yo bishuye ku majambo yari abashikirije. Uwo muhuza wabo wa nyuma bari baronse baramukengereye, baramutwenga, aho yafata ijambo agahaguruka abinginga. Abayuda bari bagwije n’ubusa amajambo y’umwana w’Imana, ubu rero ukubinginga hamwe no kubahanura vyatuma barushirizaho gukomantaza umutima gushika kw’iherezo. Rero akigoro Titusi yagize arondera ingene yokingira urusengero ntaco kashitseko kuko umwe amurengeye yari yaravuze ati: “nta buye rizosigara ku rindi”.IB 27.1

    Uruhumyi rw’ubutumva bw’abarongozi b’abayuda hamwe n’ubwicanyi bwabo buteye isoni bwakorewe hagati mu gisagara, vyatumye abasoda b’abaroma bagira ishavu n’umujinya, maze impera n’imperuka Titus afata ingingo yuko urusengero barutera. Ariko yari yatomoye neza ko ni vyaba bishoboka barukingira, ntirusamburwe. Itegeko yari yatanze ryahavuye ritubahirizwa. Mw’ijoro, amaze gusubira mw’ihema yari akambitsemwo, abayuda basohotse mu rusengero maze batera abasoda b’abaroma aho bari. Muri urwo rugamba, umusoda umwe yafashe igishirira agiterera imbere, acishije aho urugi rwari rwuguruye, maze ivyumba vy’iyo ngoro yari yaragizwe inyegu y’Uhoraho, kandi bari baratunganije bakoresheje imbaho z’amasederi, biba birafashwe n’inkonge y’umuriro. Titus amaze kubimenya yaje atazambaye kuraba iryo bara ryari riguye aherekejwe n’abasoda biwe bo mu rwego rwo hejuru. Yaciye atanga itegeko ababwira ko bozimya uwo muriro. Amajambo yiwe barayakengereye. Basunitswe n’ishavu ryinshi, abasoda b’abaroma batereye ibindi bishirira mu bindi vyumba urwo rusengero rwari rufise, hanyuma bakoresheje inkota zabo basogota abayuda benshi bari bahungiye muri urwo rusengero. Amaraso menshi yarasesetse maze atemba nk’amazi ku ngazi zarwo. Abayuda ibihumbi n’ibihumbi barayogeye. Harumvikanye amajwi arengeye induru z’ abariko bararwana: “I-kabod”, icubahiro kirashize mu Bisirayeli.IB 27.2

    Titus ntivyamworoheye guhagarika ishavu ry’abasoda biwe; yinjiranye n’intwazangabo ziwe maze aragenzura ingene iyo ngoro yari itunganijwe imbere. Ukuntu yari iteye igomwe vyaramurengeye. Maze abonye ko ahera cane hatari bwashikirwe n’inkonge y’umuriro, yaciye akora uko ashoboye kugira ngo naho ntihashe ngo hatokombere. Yarongeye arinanata ubwa nyuma, yumvisha abasoda biwe ko bakwiriye kuzimya umunro. Liberalis, umutware w’abasoda ijana yagerageje kwiyubahiriza akoresheje intahe yiwe nk’umurongozi. Ariko n’aho nyene, igitsure ciwe nk’intwazangabo yo mu rwego rwo hejuru nticabujije ko abasoda b’abaroma barushirizaho gushangashirwa kubera abayuda; abantu bari bacitse impumyi kubera ukwica hamwe n’agatima ko gusahura ivyo batabiriye akuya; nta kintu bari bacumva. Abasoda babona ibintu vyose bibakikuje bikayangana izahabu kubera umuco w’urubeya wabirasirako. Baca bibwira ko mu rusengero hariyo ububiko bw’ubutunzi bw’ikirenga. Umusoda umwe atamenyekanye yafashe urumuri rwaka umuriro arushira mu mpatane z’urugi. Mu kanya isaze, inyubako yose yaciye itokombera. Intwazangabo zari aho, kubera gutinya umwotsi n’umuriro, zica zikura meza, maze iyo nyubakwa n’ukuntu yari iteye igomwe, isigara ata gitabara.IB 27.3

    Ivyo bintu vyari biteye ubwoba ku basoda b’abaroma babikurikiraniye hafi. None vyari bimeze gute ku bayuda? Agatumba kose kari kirengeye gahanamiye igisagara gaciriye umuriro nk’ikirunga. Inyubako zose zari ngaho zaguye hasi imwe ku yindi, mu rwamo rwinshi, maze ziyongera mu muriro watongora. Ibisenge vyari bigizwe n’amasederi vyarahiye, biragurumira biduza imbeya. Urusengero rwari rutatse izahabu rwaca ibibatsi nk’urubeya rutukura. Naho inzugi z’iminara zarekura urubeya ruvanze n’umwotsi.Uwo muriro wariko uturira iyo nyubakwa waraboneshereje udutumba twose twari dukikuje aho hantu. Abantu bari biyegeranirije mu mirwi, ahantu hatabona neza, mu bibanza bariko bakurikirana, batekewe n’ubwoba, ingene izo nyubakwa zariko ziratokombera. Ku bihome hamwe no mu bibanza vyo hejuru y’ico gisagara, abantu bari bahakoraniye bari bafise ubwoba mu maso, bihebuye, abandi nabo bariko baranigurwa n’ishavu ry’ukwihora. Urwamo rw’abasoda b’abaroma bariko baranyuragirana, hamwe n’induru y’abayuda bari bagumutse bakaba bariko baratikizwa n’umunro, vyasukiranye n’ukwasana kw’amazu asambuka hamwe n’imishora ishigikiye ibisenge yariko iratibukira hasi. Imisozi yahanahana induru n’amaborogo y’abayuda bari bakoraniye mu bibanza vyo hejuru. Abantu bari mu gupfa kubera inzara, barinanata ubwa nyuma, bagakoresha utuguvu basigaranye, bagakoma akaruru k’umwiheburo.IB 28.1

    “Ariko rero, ubwicanyi bwariko burabera imbere muri izo nyubakwa bwari buteye ubwoba kuruta kure ivyo umuntu yabona hanze. Abagabo n’abagore, abatama n’abakiri bato, abagumutse hamwe n’abaherezi, abariko bararwana n’abariko barasaba kugirirwa akagongwe; barishwe bunyamaswa, ata kinya. Kubera ko abariko bicwa baruta igitigiri abariko babica, abasoda b’abaroma bategerezwa gutambuka imivyimba y’abo bamaze kwica, kugira ngo babandaye igikorwa cabo co gutsiratsiza (Milman, The History of the Jews, book 16).IB 28.2

    Urusengero rumaze gusambuka, igisagara cose caciye kigwa mu minwe y’abasoda b’Abaroma. Abatware b’abayuda bari bataye baromoka, basiga ibibanza vyabo bikomakomeye vyonyene maze Titus asanga babihunze. Amaze kubitangarira yaravuze ati: Imana yabishize mu maboko yanje. Ku kaba nkako, naho yari kuba yakoresheje ibirwanisho yari afise bikomakomeye, ntiyari gushobora kwigarurira ivyo bibanza. Ari igisagara, ari n’urusengero, vyari vyakomvomvotse gushitsa kwibuye ry’umushinge. Ikibanza ahari hahoze hubatse urusengero rweranda can cahindutse nk’ “ubusize”.(Yeremiya 26:18) Mu bitero n’ubwicanyi vyakurikiye, abantu barenga umumiliyoni barapfuye. Abacitse kw’icumu bajanywe ka bunyagano, abandi baragurishwa nk’abaja, abandi batererwa ibikoko vy’inkazi mu bibanza vy’inkino, abandi nabo barangazwa kw’isi yose.IB 28.3

    Abayuda bo ubwabo ni bo bari biboshe. Nibo bari biyujurije igikombe c’ukwihora. Ugusambuka kw’igihugu cabo kwabashikiye hamwe n’ivyago vyose vyabakurikiye iyo bari bangarijwe, wari nk’umwimbu w’ico amaboko yabo yari yabivye. Uwavugishwa n’Imana yari yaravuze ati : « Erega ni ukwihamagarira guhona, ewe Isirayeli ”, kuko « wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe ». (Hoseya 13:9; 14:1) Imibabaro baciyemwo igereranya kenshi na kenshi igihano cabashikiye kubera ingingo y’Imana. Uko ni kwo Rwuba akora kugira ngo ntashire ahagaragara imigambi yiwe. Kubwo kugarariza urukundo n’ubuntu vy’Imana ; abayuda batumye uburinzi bw’Imana butaramuka kuri bo, maze Satani aba abonye akaryo ko kubakoresha ivyo ashaka. Ubugizi bwa nabi buteye ubwoba bwabaranze, mu gihe Yerusalemu yari yugarijwe, ni ikimenyamenya c’ukuntu Satani akoresha ubushobozi bwiwe kuri abo bose yamaze kwigarurira.IB 29.1

    Ntidushobora gutahura ku rugero rukwiye ingene Yesu ari kirumara kuri twebwe kubwo amahoro n’uburinzi bwiwe atwamizako. Ubushobozi bw’Imana budukikije ni bwo budukingira ngo ntiturwe mu vyara vya Satani, ngo abe ariwe adukoresha. Abatubaha hamwe n’intashima, barafise impamvu ikwiye yo gushima ubuntu bw’Imana hamwe n’ukwihangana kwayo, bituma bakingirwa ubugizi bwa nabi bw’umurwanizi, ntabagireko ububasha. Ariko rero, iyo abantu barengeje akarimbi ko kwihangana kw’Imana, baba bikuyeko uburinzi bwayo. Imana si yo igenera igihano abantu baba bacumuye, ahubwo ibeyurako uburinzi bwayo buba bwari busanzwe bubatwikiriye, maze bagaca bashikirwa n’ingaruka y’ivyo baba barakoze. Umuco uwari wo wose wirengangijwe ; imburi iy’ ari yo yose abantu batumviye bakayitera umugongo ; icaha ico ari co cose casasiwe indava ; uguca kubiri n’ibwirizwa ry’Imana kwose ; ni imbuto iba iteragiwe. Rero iraheza ikamera maze ikazana ivyamwa. Iyo Mpwemu w’Imana akumiriwe mu buzima bw’umuntu; nta bushobozi buba bukiriho bwo kumufasha ngo arwanye ivyiyumviro bibi vyo mu mutima wiwe; nta n’uburinzi aba agisigaranye bwo kumukingira urwanko n’ububeshi vya Satani. Ugusamburwa kwa Yerusalemu ni inkebuzo igaragara kandi iteye ubwoba kuri abo bose bica amatwi ntibakire ubuntu bw’Imana, kandi bakima amatwi ijwi ribingingira kwemera imbabazi zayo. Nta kimenyamenya cigeze kuboneka kiruta iki c’ukuntu Imana yanka icaha n’ingene yerekana igihano kirindiriye abagizi ba nabi.IB 29.2

    Ubuhanuzi bw’Umukiza bwerekeranye n’amahano yashikiye Yerusalemu bufise kandi ikindi kintu bwigisha, kiboneka nk’igitutu ako gatikizo gatumberezako. Mu gusenyuka kw’ico gisagara harimwo imburi y’ivyago birindiriye gushika kw’isi kubwo kwirengagiza imbabazi z’Imana hamwe no guhonyanga amategeko yayo. Isi yaraguye mu mwiza kubwo imibabaro y’abantu yabaye urutavanako mu binyejana bikurikirana vyaranzwe n’ubwicanyi hamwe n’ubundi bube gito. Iyo umutima wihweje ingaruka zishika iyo abantu bahakanye ubutware bw’ijuru, uraheza ugatuntura, ubwenge nabwo bukarengerwa. Ingaruka zivuye ku kwirengagiza ubutware bw’ijuru zirateye ubwoba. Ariko rero nubwo bimeze uko, ivyitezwe muri kazoza biteye ubwoba gusumvya. Ivyashitse muri kahise - «urukurikirane rw’ingorane, amakimbirane hamwe n’imigumuko, ibikingira abafise ibirwanishwa mu ntambara, induru idasobanutse hamwe n’impuzu zivumbagajwe mu maraso » (Yesaya 9:5) - ntaho bisa bisana n’amakuba azoshika kuri uyo musi aho Mpwemu w’uburinzi w’Imana azokurwa ku babi. Nta kizoba kigifatiriye ubugizi bwa nabi burenze kamere y’umuntu hamwe n’ububisha bwa Satani. Aho rero isi izibonera ubwayo, kurusha uko itari bwigere ibi bona, ingaruka zo kugendera ku mategeko ya Satani.IB 29.3

    Ariko rero, nk’uko vyashitse igihe co gusamburwa kwa Yerusalemu, uwo musi, abantu b’Imana bazosimba imanga, uwo wese izina ryiwe rizoba ryanditse mu bakiriho. (Yesaya 4:3) Kristo yaravuze ko azogaruka ubugira kabiri kujana iwe abamwizigiye : « niho amoko yose yo mw’isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi. Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iyo ijuru ritangurira kugeza iyo riherera ». (Matayo 24:30, 31) Ico gihe, abatumviye ubutumwa bwiza bazorandurwa na Mpwemu iturutse mu kanwa kiwe maze bayongeshwe n’ubwiza bw’umuzo wiwe. (2 Ab’i Tesalonike 2:8.) Nko mu gihe ca Isirayeli yo hambere, ababi ni bo biyicaniye bo ubwabo ; baherengetejwe ku bwo ukugira nabi kwabo. Kubwo kubaho mu buzima bw’icaha, bishize hanze y’umubano mwiza n’Imana ; kamere yabo yarisukiranije n’ikibi ku buryo uguhishurwa kw’icubahiro ciwe kuzobabera umuriro utongora.IB 30.1

    Harakwiye kubaho kwiyubara kugira ngo ntihafatwe minenerwe inyigisho twahawe, dusanga mu majambo Yesu Kristo yashikirije. Nk’uko yaciriye agace abigishwa biwe ababwira ko Yerusalemu izosamburwa ; akabaha ikimenyetso bazomenyerako ko agatikizo kegereje, kugira ngo bashobore gukura meza bigishoboka ; ni nako aburira isi ku bijanye n'umusi wa nyuma wo gusambuka kwayo ; kandi yaratanze n’ibimenyamenya vyo kuzomenyerako k’uwo musi wegereje ; kugira ngo abo bose bavyipfuza baze bahunge ubwo burake bugiye kuza. Yesu aravuga icese ko : « hazoba ibimeyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw’isi hazoba imibabaro mu mahanga.» .(Luka 21:25; Matayo 24:29; Mariko 13:24-26; Ivyahishuriwe Yohana 6:12-17) Yashatse kumenyesha abazobona ibimenyetso vy’ibanze bijanye no kuza kwiwe baze « batahure ko ari hafi, mbere ageze ku rugi » (Matayo 24:33) Rero « mube maso » ; ni ko yahanuye avuga. (Mariko 13:35) Abumva iyo mburi bose ntibazoguma mu mwiza ku buryo uwo musi wobashikira giturumbuka. Ariko kuri abo badashaka kuba maso « umusi w’Umwami uzobazako nk’igisuma mw’ijoro ». (1 Ab’i Tesalonike 5:2-5)IB 30.2

    Isi ntiyiteguye guha agaciro ubutumwa bwo muri kino gihe nk’uko abayuda, mu gihe ca Yesu, batari biteguye gukeburwa ku bijanye no gusamburwa kwa Yerusalemu. Igihe icari co cose uzoshikira, umusi w’Imana uzoza giturumbuka ku banse kwemera. Mu gihe ubuzima buzoba bubandanya nkuko bisanzwe, mu gihe abantu bazoba bagisamariye mu bibanezereza, mu bibazanira inyungu, mu ngendo, mu rudandazwa rwunguka amahera menshi ; mu gihe abarongozi b’amadini bazoba bariko bashimagiza iterambere no kumurikirwa kw’isi, abantu benshi nabo bazoba bizeye ko batekaniwe ariko uwo mutekano ntaho uzoba ushimikiye ; -aho rero, nk’uko igisuma kiza kwiba mu gicugu ahantu hatarinzwe, ni ko uguhona kuzoza giturumbuka ku batizera Imana hamwe n’abafashe imburi minenerwe ; « kandi ntibazokwikiza na gatoya ». (1 Ab’i Tesalonike 5:3)IB 30.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents