Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 10 - Iterambere Ryubugorozi Mu Budagi

    Abantu ntibari bazi aho Luther ari, yari yabazimanganye mu buryo busiga ubwenge. Mu Budagi bwose nta rengero ryiwe bari bazi kandi ivyo vyari vyabeteye kudidanirwa. Ahantu hose baramubaza. Ibihuha vyarakwiragijwe hirya no hino ku buryo benshi bibaza ko yoba yarapfuye. Hariho ukwidoga ku bantu batari bake. Uretse abagenzi biwe, hariho n’ibihumbi vyinshi vy’abandi bari barindiriye gufata ingingo ngo berekane aho bahagaze ku bijanye n’Ubugorozi. Abandi benshi bararahira bakarengwa ko bazomuhora.IB 135.2

    Abarongozi bakuru b’lshengero Gatolika ry’i Roma vyarabateye ubwoba babonye ingene igihugu cose kitabaha ni rwere kubwo imyifato yabo imbere y’Ubugorozi. Nubwo ubwa mbere birya icara igihe cose biyumvira ko Luther yoba yapfuye, ntibatevye kwipfuza kwinyegeza kubwo agashavu abantu bari babafitiye. Abansi biwe ntibari bagize umutima uhagaze babonye ibikorwa vyiwe bihambaye; n’ukuzimangana kwiwe ntaco kwari kwababwiye. Ubu rero babandi bari bahize kubwo ishavu ngo bazimanganye ubuzima bwa Luther, bari noneho batekewe n’ubwoba kuko yari yahindutse imbohe itagira gifasha. Umwe muri bo yaravuze ati: “Inzira imwe rudende dusigaranye ngo ducungure magara ni uko twodomeka imuri, maze tugahiga Luther aho yoba ari hose kugira ngo tumushikirize igihugu cose kiriko kiramutabaza.” (DAubigne, b. 9, ch. 1.) Itegeko umwami w’abami yari yaratanze vyaboneka ko ata bubasha rifise. Abaserukira Papa vyari vyabariye mu nda kubona ko itegeko ry’umwami w’abami ryitwararikwa gake, ariko bakabona ahubwo umwitwarariko abantu bashira imbere ari uwo kumenya ivyoba vyashikiye Luther.IB 135.3

    Amakuru y’uko akiri muzima ariko yuko afungiwe ahantu yatumye abantu biruhutsa ariko kandi baca barushirizaho kwifatanya nawe. Ibitabo vyiwe baciye babisomana ishaka ridasanzwe batari bigeze berekana ubwa mbere. Igitigiri c’abantu bifatanije n’uyo yari yahagarariye ijambo ry’Imana mu bihe biteye ubwoba cabandanije kwiyongera. Ubugorozi bwagenda burushirizaho gukomera. Imbuto Luther yari yarateragiye zarazanye ivyamwa hirya no hino. Igikorwa cakozwe mu gihe yari yazimanganye caruta icakozwe mu gihe bamubona. Ubu rero ko umurongozi mukuru yari yabakuwemwo, abandi bakozi biyumviriye gushingwa amabanga mashasha. Baranaguye ukwizera kwabo maze bakorana ishaka, uko bashoboye, kugira ngo igikorwa cari catanguranye iteka, ntihagire ikintu kikizibira.IB 135.4

    Ariko rero Satani ntiyari areze amaboko. Noneho yaciye akora nk’uko yamye abigenza igihe cose haba hariho igikorwa c’Ubugorozi - kubesha no kuyogeza abantu mu kubangabanganisha Ubugorozi n'izindi nyigisho ziganywe ariko zitari iz’ukuri. Nk’uko hariho abigira Kristo mu binjana vya mbere vyatanguriye ishengero rukristo, no mu kinjana ca cumi na gatandatu, abigira abavugishwa n’Imana barahagurutse.IB 136.1

    Abantu bari ku rushi, barajwe ishinga ku buryo bugaragara n’ibijanye n’ivyo kwemera kuri iyi si, bariyumviriye bo ubwabo ko baronse ihishurirwa ridasanzwe rivuye mw’ijuru, kandi bamenyesha ko barungitswe n’Imana ngo babandanye igikorwa c’ubugorozi gushika bagishikanye ku musozo; bavuga ko ico gikorwa catangujwe na Luther mu ntege nke. Mu vyo ukuri, bariko barasambura igikorwa yari yarubatse. Ingingo nshimikiro nyamukuru y’Ubugorozi bayishize i ruhande, iyo nayo ni uko ijambo ry’Imana ari ryo ryonyene rugero rwo kwizera, ni naryo ibikorwa vyacu bikwiriye kwisunga. Uyo muyobozi atazimiza bamukavye n’icitegererezo kidashemeye, gihinduka, cubakiye ku vyo biyumvira hamwe n’ivyo bipfuza. Kubwo ugushira i ruhande uyo muvumbuzi w’ikinyoma n’ububeshi akomeye, Satani yari yugururiwe inzira yo kwizizira ubwenge bw’abantu nk’uko abona bimuhimbara.IB 136.2

    Umwe muri abo bantu bari bigize abavugishwa n’Imana yavuze ko yahawe amategeko na Marayika Gaburiyeli. Hariho umunyeshure yifatanije n’uyo muhumvyi maze arata ivyigwa, aca agenda atangariza abantu ko Imana yonyene ari yo yamuhaye ubwenge bwo gusobanura ijambo ryayo. Abandi na bo bari basanzwe bafise kamere yo gukurikira hatabayeho kurimbura ikintu n’ikindi, bifatanije nawe. Aba bantu batumye habaho ishaka ridasanzwe ryo kurondera kumenya. Insiguro za Luther mu bisanzwe, zari zatumye hirya no hino abantu bumva ko ubugorozi ari ikintu nkenerwa. Ubu rero, bamwe mu bantu b’inyankamugayo bariko barahendwa n’amajambo abo bavugishwa n’Imana bashasha bigeneye.IB 136.3

    Abo bantu bari bagize uwo murwi barahagurutse baja i Wittenberg maze bagobera Melanchton n’abamufasha kwumviriza ivyo babasaba. Bamubwiye bati: “Twarungitswe n’Imana kugira ngo twigishe abantu. Turamenyereye kwama twavuganye n’Imana; yaratweretse ibizoshika. Mw’ijambo rimwe, turi intuma hamwe n’abavugishwa n’Imana; twagomba kubimenyesha Luther.” (Ibid., b. 9, ch. 7.)IB 136.4

    Abagorozi bavyumvise baratangaye, birabarengera. Cari ikintu kibashikiye ubwa mbere batari bigere bahura naco kandi ntibari bazi inyifato bakwiriye kwerakana imbere yabo. Melanchton yaratangaye avuga ati: “Ego ni vyo muri aba bantu harimwo impwemu zidasanzwe, none izo mpwemu ni izihe? ... Ku ruhande rumwe, tube maso ntitube twozimya Mpwemu w’Imana; ku rundi narwo, tumere magabo ntitube twozimizwa na Mpwemu ya Satani.” (Ibid., b. 9, ch. 7.)IB 136.5

    Ntivyatevye, izo nyigisho nshasha zaramye imbuto zigaragara. Abantu bigishijwe kudaha agaciro Bibiliya canke kuyishira yose ku ruhande. Mu mashure, ibintu vyaradabadanganye. Abanyeshure, nta cirwa na kimwe ban bacerekwa, barabitaye barahunga za Kaminuza. Abantu bariko biyumvira ko bashoboye gukurikiranira hafi igikorwa c’Ubugorozi hakabaho umuvyuro, basanze ico bashoboye gukora conyene ari kukizana ku nkombe yo kukizimanganya. Abayoboke ba Papa bahungukiye utuguvu n’ivyizigiro maze baca batangaza banezerewe bati: “Urugamba rumwe rwonyene ni rwo rusigaye, maze ibintu vyose bizoca bitwegukira.”(Ibid., b. 9, ch. 7.)IB 136.6

    I Wartburg aho Luther yari ari, amaze kwumva ivyo vyari ko birashika, vyaramuteye amakenga maze avuga ati: “Igihe cose nama niteze ko Satani aturungukira ako karanda.” (Ibid., b. 9, ch. 7) Yarahishuriwe kamere y’ukuri y’abo bantu bigira abavugishwa n’Imana maze aca abona ukuntu ukuri kubangamiwe. Ukuba Papa hamwe n’umwami w’abami baramurwanije ntivyari vyaramuteye umubabaro n’agahinda nk’ivyo yariko aracamwo ubu. Mu bagenzi biwe bari bakiriye ubugorozi niho hari habonetsemwo abamurwanya bivuye inyuma. Ukuri kwari kwamubereye isoko y’umunezero ukomeye no kuremeshwa kwariko kurakoreshwa ngo kuzane ibihari n’umudurumbanyo mw’ishengero.IB 137.1

    Mu gikorwa c’Ubugorozi, Mpwemu w’Imana yari yingingiye Luther kuramiriza kandi yari yamushikanye kure aho atiyumvira. Ntiyari yigeze yiyumvira ko yogize inyifato nk’iyo yerekanye canke ngo atume habaho ihinduka ridasubirwako. Yari yabaye gusa igikoresho c’ubushobozi butagira aho bugarukira. Ariko ivyo ntivyamubuza kujugumira abonye uko igikorwa cariko kirangenda. Igihe kimwe yari yaravuze ati: “Iyo nza kumenya yuko inyigisho zanje hari n’umuntu n’umwe zitsitaza, umuntu umwe rudende, uko yari kuba ari kwose, n’aho yari kuba ari nyarucari - nta n’ubwo zishobora kubikora kuko ni ubutumwa bwiza busa - icari kumbera ciza n’uko nopfuye incuro cumi aho kureka kwisubirako.” (Ibid., b. 9, ch. 7.)IB 137.2

    Ubu rero igisagara ca Wittenberg co ubwaco, aho ubugorozi bwaboneye izuba cariko kirigarurirwa n’abashigikira ibintu batabanje kurimbura hamwe n’abadaha agaciro amabwirizwa. Ibi ntivyari vyazanywe n’inyigisho za Luther naho mu Budagi bwose abamurwanya ari co bamwagiriza. Kubera kuremerwa n'umubabaro vyaramushikira akibaza ati: “None ga, iri ni ryo rizoba iherezo ry’iki gikorwa c’Ubugorozi?”(Ibid., b. 9, ch. 7). Yarongera akinginga Imana mu masengesho maze amahoro akabona kwuzura umutima wiwe. Uku ni ko yama yavuze: “Igikorwa si icanje, ni icawe; rero ntuzokwemera ko gitosekazwa n’ukwemera canke gushigikira ibintazi. Ariko kandi mu gihe c’amagume nk’ico, ntiyumva aremeshejwe no kuba yomara igihe kirekire yaritaramuye ku rugamba. Ivyo vyatumye yiyumvira gusubira i Wittenberg.IB 137.3

    Nta gihe kirekire caheze adatanguye urugendo rwiwe rwasa nk’ukwigerezako. Yari yarahariwe ivomo mu gihugu cose. Abansi biwe hamwe bari kumubona akabero bari barekuriwe kuzimanganya ubuzima bwiwe; abakunzi biwe carazira n’uko bamuha aho akika umusaya. Ubutegetsi bwariho ico gihe bwari bwafatiye ingingo ruhasha abayoboke biwe. Ariko kubera yuko igikorwa c’ubutuma bwiza yabona ko kigeramiwe, yaremeye mw’izina rya Yesu kuja mu rugamba rwo kurwanira ukuri ata bwoba.IB 137.4

    Mw’ikete Luther yandikiye umutware w’akarere k’i Saxonie, amaze kumumenyesha impamvu imuteye kuva i Wartburg; yaravuze ati: “Nyakwubahwa, ni bimenyekane imbere yawe ko ngiye i Wittenberg ndi musi y’uburinzi bwo hejuru buruta ubwo noronswa n’abatware n’baganwa bose bakoranye. Ndiyumvira yuko bidakwiriye ko ndagusaba ubufasha bwo ku rwego rwo hejuru; mbere aho kugusaba kunkingira, birakwiriye ko aba ari jewe ndagukingira. Iyo nkiza kumenya ko ndi bukingirwe nawe, nyakwubahwa,sinari kuja na gato i Wittenberg. Nta nkota n’imwe iriho yoteza imbere iki gikorwa. Imana yonyene ni yo ikwiye gukora ikintu cose, ata muntu ayifashije canke ngo ahiganwe nayo mu gikorwa. Uwo afise ukwizera guhambaye ni We wenyene ashobora gukingira.” (-Ibid., b. 9, ch. 8.)IB 137.5

    Mw’ikete igira kabiri yandikiye mu nzira ariko araja i Wittenberg, yongeyeko aya majambo: “Nditeguye gushikirwa n’inkurikizi y’ukubona, nyakwubahwa, unkuyeko amaboko mbere n’isi yose ikanshavurira. None abantu b’i Wittenberg si intama njejwe kuragira? Imana siyo yabancugishije? None, hamwe vyoba bikenewe, nokwanka ko ubuzima bwanje bwogeramirwa n’urupfu ku bwabo? Hamwe n’ivyo mbere, ndatinya kubona mu Budagi haduka umugumuko uhambaye Imana izohanisha igihugu cacu.” (Ibid., b. 9, ch. 7.)IB 138.1

    N’ubwitonzi bwinshi hamwe n’ukwicisha bugufi, Luther yiyemeje kwinjira muri ico gikorwa ashikamye. Yavuze ati: “Kubw’ijambo ry’Imana dutegerezwa gukuraho kandi tugasenyagura ikintu cose cashizweho n’ubugizi bwa nabi. Sinzokoresha inguvu ngwanya abemera ibintazi canka abatizera... Nta muntu n’umwe akwiriye kugoberwa ku gahato. Umwidegemvyo ni wo mushinge wo kwizera.” (Ibid., b. 9, ch. 8.)IB 138.2

    Inkuru ntiyatevye kumenyekana mu gisagara cose ca Wittenberg ko Luther yagarutse kandi ko ari buhave atangura gusigura. Abantu basidukanye n’iyonka, baza bavuye mu mpande zose ku buryo batashobora kubona aho bakwigwa mu rusengero. Luther yaraduze ku ruhimbi, maze mu bukerebutsi bwinshi hamwe no mu bugwaneza arabigisha, arabaremesha kandi arabanegura. Yaragize ico avuga ku bantu bari bashatse gukoresha inguvu ngo bakureho imisa. Yashikirije iri jambo ati:IB 138.3

    “Imisa ni ikintu kibi, Imana ntiyikunda; irakwiriye rero gukurwa. Kandi nonezerezwa no kubona mw’isi yose bayisubiriza n’igaburo ry’ubutumwa bwiza. Ariko rero ntihagire umuntu n’umwe ayihebeshwa ku nguvu. Ico kibazo dukwiriye kukirekera mu maboko y’lmana. Si twebwe dutegerezwa gukora, dukwiriye kureka ijambo ryayo rikikorera. Mwoshobora kubaza muti kubera iki? Kubera yuko imitima y’abantu ntayifise mu minwe nk’uko umubumvyi aba afise ibumba. Ico turekuriwe co nyene ni ukuvuga; ntiturekuriwe gukoresha inguvu. Ni muze turazwe ishinga n’ insiguro dutanga, ibindi tubirekere Imana. Mbega hamwe nokoresha inguvu, noheza nkuguka iki ? Ibimenyetso vy’abantu berekana ko turi kumwe : abantu bakora ibintu ari ukwikwega gusa, uguheza umugenzo, ukwigana abandi, amategeko y’abantu, uburyarya.. ..Ariko ivyo ntibizoba vyavuye ku mutima wiyuguruye canke ku kwizera, canke ku rukundo. Aho ibi bintu bitatu bibuze, haba hari agahaze kandi sinokwigera nshimishwa na gato no kugira ico notanga ngo uyo abe ariwo mwimbu noronka... Ivyo Imana ikoresha ijambo ryayo ryonyene ni vyinshi kurusha ivyo jewe na mwe twokora, mbere n’ubwo inguvu zacu zose twozifatanya n’iz’isi yose maze tugakorera hamwe. Imana ifise ubushobozi ku mutima ; kandi iyo umutima wamaze gufatwa, nta kiba kigisigaye....IB 138.4

    « Nzosigura, mparire n’abantu kandi nandike ibitabo ; ariko nta muntu n’umwe nzoshirako inguvu, kuko ukwizera ni igikorwa umuntu akora ku kwitanga kwiwe. Ni murabire ku vyo nakoze. Narahagaze ndahangana na Papa n’abayobke biwe, ndarwanya abagize ikigongwe c’Imana urudandazwa, ariko nta nguvu nabishizeko canke ngo nteze uruhagarara. Ico nashize imbere ni ijambo ry’Imana. Narasiguye nongera ndandika ibitabo. Ico nico nakoze conyene. Kandi rero n’ibihe nari nduhutse... Ijambo nari narasiguye ryarasambuye ubupapa ribugeza ahantu ata mwami canke umuganwa yari bwigere abugeza. Kandi jewe ubwanje nta kintu na gito nakoze, ijambo ryonyene niryo ryakoze vyose. Iyo mba nahisemwo gukoresha inguvu, Ubudagi bwose kumbure buba bwararengewe n’umwuzurira w’amaraso. None iyo bimera gutyo, inyungu yari kuba iyihe? Umusaka n’umwiheburo ni vyo vyari gushikira umubiri n’umutima. Rero nahisemwo kwinumira, maze ndekera ijambo ryonyene kwikorera igikorwa mw’isi»(-Ibid., b. 9, ch. 8.)IB 138.5

    Umusi ku wundi, mu gihe kingana n’indwi yose, Luther yabandanije gusigurira abantu batarambirwa kumwumviriza. Ubushobozi bw’ubutumwa bwiza bwagarukanye mu nzira nziza y’ukuri abantu bari bihenze.IB 139.1

    Luther ntiyipfuza guhura n’abo bantu bashigikira ibintu batabanje kurimbura, abo na bo igikorwa cabo kikaba cari catumye ikibi congerekana. Yari azi ko ari abantu batarongowe n’ubutungane kandi ko batazi kwifata iyo bagize ibigumbagumba ; bari abantu mu gihe badatangwa no kumenyesha ko bafise umuco wo mw’ijuru, batihanganira akantu n’aho koba gato kabahinyuza mbere n’aho yoba ari ikimenyamenya uberetse ka bugenzi cane impanuro ubahaye. Kubera ko bari barihagiye ubutegetsi bwo hejuru, basaba ko umuntu wese ataco abanje kubaza yubahiriza ubwo butegetsi akabwemera. Ariko kubera yuko bariko barasaba kubonana na we, yarabibemereye; maze ashobora kwereka abantu bose ku buryo bushimishije ivyo abahumvyi biyitirira, maze baca bafata akayira bose, bava i Wittenberg.IB 139.2

    N’imiburiburi abo bashigikira ibintu batabanje kurimbura barahungabanijwe ico gihe; ariko haheze imyaka itari mike ibintu vyarongeye kugorana hanakoreshwa ubugizi bwa nabi bukomeye bwashitse ku bintu bibi. Avuga ivy’abo barongozi b’iyo mirwi, Luther yamenyesheje ko « kuri bo Ivyanditswe vyera ni nk’ikete ryataye agaciro ; ariko ntibabura gusemerera bose bavuga bati: « Mpwemu », « Mpwemu ». Sinzokwigera ndabakurikira aho iyo mpwemu yabo ibarongora ibajana. Icompa Imana mu mbabazi zayo ikankingira kuba mw’ishengero rigizwe n’aberanda bonyene. Nipfuza kugumana n’abantu bicisha bugufi, abantu b'intege nke, abarwayi, abantu bazi kandi bemera ko ari abanyavyaha; kandi bumva igihe cose ko babuze amahoro, bakama baririra Imana bivuye i bwina bw’imitima yabo ko yobaha ukurema kandi ikabashigikira. »(Ibid., b. 10, ch. 10.)IB 139.3

    Muri abo bantu bashigikira ibintu batabanje kurimbura, uwabica bigacika muri bo yari Thomas Munzer. Vyaraboneka ko yari umuntu w’ubushobozi ku buryo iyo impano yari afise ishigwa neza ku murongo, vyari kumushoboza kugira neza. Ikibabaje ni uko atari yarigishijwe ingingo ngenderwako za mbere na mbere ziranga idini ry’ukuri. « Muri we harimwo icipfuzo c’uko isi yose yoyishikana ku muvyuro; yaribagiye gusa nk’uko bishikira kenshi abantu bafise umwete urenze urugero, yuko ubugorozi bwategerezwa gutangurira kuri we nyene » (Ibid., b. 9, ch. 8) Yari ashishikajwe no kuronka icubahiro kubwo ivyicaro hamwe no kugira ubwaku ku bantu; ntiyumva ko yoba mu kibanza ca kabiri, ko Luther yoba uwa mbere kuri we. Yamenyesheje yuko abagorozi, mu gukabisha Ivyanditswe ubutegetsi bwa Papa bariko baragerageza kumusubiriza ubundi bupapa. Yavuze icese ko we ubwiwe, yarungitswe n’Imana gutanguza ubugorozi bw’ukuri : « Umuntu afise agatima nk’ako mfise », ni ko Munzer yama yavuze, « ni nawe afise ukwizera nyakuri, naho yoba atarigera abona Ivyanditswe Vyera, mu buzima bwiwe. »(Ibid., b. 10, ch. 10.)IB 139.4

    Abo bigisha bashigikira ibintu batabanje kurimbura bari bihaye kurongorwa n’ivyo biyumvira ; ikintu cose kibaje mu bwenge canke gisunitswe n’umutima bakibonamwo ijwi ry’Imana, ku buryo ivyo vyabashikanye kure cane y’ivyo umuntu yokwihanganira. Vyashitse mbere n’aho bamwe Bibiliya zabo baziha umuriro maze bitangaza bavuga ngo « Ivyanditswe birica ariko Mpwemu atanga ubuzima ». Inyigisho za Munzer zarashimisha abantu bipfuza ibitangaza, ariko kandi hamwe n’ivyo zarakuyakuya ubwibone bwabo kuko zashira ivyiyumviro hamwe n’ivyipfuzo vyabo hejuru y’ijambo ry’Imana. Abantu ibihumbi barakiriye izo inyigisho. Ntiyatevye gusaba yuko iyo abantu bakoraniye hamwe baje gusenga, bitabereye na gato ko ibintu bikorwa vyisunze integuro nziza n’urutonde rwaringanijwe; yaranamenyesheje ko kwubaha abatware ari ukugerageza gukorera Imana na Beliyali.IB 140.1

    Ubwenge bw’abantu bwari bwatanguye kwibohora imigozi y’ubupapa bwaranipfuza ko igikenye ubutegetsi bw’igihugu bubashirako bokiremururwa. Inyigisho za Munzer zabahamagarira guhindura ibintu, zasaba ko habaho igihano c’Imana; zatumye bataba bacemera ko habaho abantu bakurikirana ivyo bakora ahubwo bahitamwo kwisunga ivyo biyumvira n’ivyo bipfuza. Ubugumutsi n’ubugizi bwa nabi bidasanzwe ni vyo vyaciye bikurikira, ku buryo mu Budagi hose ata karere na kamwe katamenetsemwo amaraso.IB 140.2

    Ugutuntura kw’umutima Luther yari yarigeze kugira igihe atari gito ari i Erfurt, noneho kwamubereye umutwaro w’uburemere bw'ikirenga incuro nyinshi aho yabona izo ngaruka zo gushigikira ibintu hatabanje kubaho kurimbura zariko ziragirizwa ubugorozi. Abishikira kwa Papa baramenyesheje ko - kandi abantu benshi bari biteguye kuvyemera - uwo mugumuko ufitaniye isano n’ingaruka z’inyigisho za Luther. Nubwo iki cagirizo ata shimikiro na ritoya cari gifise, nticari kubura kubuza Luther amahoro. Kubona igikorwa c’ukuri gikengerwa, kigashirwa ku rugero rumwe n’ibikorwa biteye isoni vy’abashigikira ibintu hatabanje kubaho kurimbura ikintu n’ikindi, vyari ibintu atashobora kwihanganira. Ku rundi ruhande, abafata ikibanza ca mbere muri iyo migumuko baranka Luther kuko uretse ko inyigisho zabo yari yarazihinyuje, nta n’ubwo yemera ivyo bishigikira bavuga ko Imana yabihishuriye; ahubwo yabagirije avuga ko batubahiriza ubutegetsi bw’igihugu. Nko kumusubiriza mu ndumane, bamwagirije kuba umwangushi. Ibintu vyasa nk’aho yari yikururiye urwanko rw’abatware hamwe n’urw’abanyagihugu.IB 140.3

    Abayoboke ba Papa batanguye gutambira ku nzara, biteze kubona ubugorozi buzimangana ntibwongere kwibukwa; kandi baciye bagiriza Luther n’amakosa yari yakoze uko ashoboye kwose ngo akosorwe. Abo bayoboke bihutiye kubesha bemeza ko babafashe nabi ntibabatunganiriza maze ivyo bituma abantu atari bake bifatanya nabo nk’uko bikunze gushikira kenshi abantu batari mu ruhande rw’ukuri ; birashika bakifata nk’uko ari abamaratiri. Uko ni ko abari bakoresheje inguvu zose barwanya Ubugorozi bahindutse abo kugirirwa impuhwe; baba ari bo bafata nk’uko bahohotewe, bagatotezwa. Iki can igikorwa ca Satani, casunitswe na ka gatima nyene ko kugumuka katanguye kubonekera ubwa mbere na mbere mw’ijuru.IB 140.4

    Satani yama na ntaryo arondera kubesha abantu akabashikana ku rugero aho icaha bacita ubugororotsi, ubugororotsi nabwo bakabwita icaha. Ntiworaba igikorwa ciwe yaragiteje imbere! Mbega ukuntu kenshi na kenshi abakozi b’lmana babizigirwa babahama, bakabatuka, babahora kuba bahagarira ukuri badatinya. Abantu b’ibikoresho vya Satani usanga babashima, bakabavuga neza mbere bakabafata nk’abamaratiri mu gihe abari babereye kwubahwa no kuremeshwa kubera yuko ari abizigirwa ku Mana, usanga abantu bose babitaruye bakabasiga bonyene, mu mwikeko no mu butizigirwa.IB 141.1

    Ubweranda bw’ubwiganano, ukwezwa kw’umurenzako, biracabandanya igikorwa cavyo c’ubuhendanyi. Nubwo vyiyambika ishusho igenda ihindagurika, ico bigaragaza ni kimwe : ni ka gatima ko mu gihe ca Luther, gakwegakwega ubwenge bw’abantu kakabwigiza kure y’lvyanditswe, kandi kagatuma abantu bashira imbere ivyo biyumvira n’ivyo bipfuza aho kurangwa no kwubaha ijambo ry’Imana. Iki ni kimwe mu bikoresho Satani akoresha kugira ngo ukwezwa n’ukuri bikengerwe.IB 141.2

    Luther yahagarariye ubutumwa bwiza adatinya, ahangana n’ibitero vyava mu karere akariko kose kugira ngo bibuzimanganye. Ijambo ry’Imana ryariyerekanye ubwa ryo ko ari ikirwanisho gikomeye mu ntambara iyo ari yo yose. Yishimikije iryo jambo, Luther yariyamirije ubutware Papa yihagiye, aratunga urutoke inyigisho zinonosoye z’abahinga mu kwiyumvira, muri ico gihe nyene yahagaze ashikamye nk’igitandara kitanyiganyizwa imbere y’abantu bashigikira ibintu batarinze kurimbura bariko barondera bo ubwabo kwifatanya n’Ubugorozi.IB 141.3

    Kimwe cose muri ibi bintu bitatu cari uburyo bwiharije bushira ku ruhande Ivyanditswe Vyera, maze bugashira hejuru ubwenge bw’umuntu nk’isoko y’idini n’ugutahura kw’ukuri. Habayeho abantu bashira ubwenge imbere bakaburutisha ibindi vyose mbere babugira kimwe mu bintu vyo gufatirako mu bijanye n’idini. Ishengero Gatolika ry’i Roma ryatangarije abantu bose ko umurongozi mukuru waryo ari mu rukurikirane rwahishuwe rutazokwigera ruhagarara rw’abatumwa kandi rudahinduka uko ibihe bigenda bikurikirana. Ivyo vyahaye akaryo inzira zose zo kwishira hejuru, kwiyerekana hamwe n’ubundi bubegito vyakorwa vyinyegeje inyuma y’ibanga ryo kuba intumwa. Ivyo Munzer n’abamufasha bavuga ko beretswe nta rindi soko vyari vyakomotsemwo uretse ukwihenda kw’ivyiyumviro vyabo kandi ubwaku vyagize ku bantu bwabateye kutagira ubutegetsi na bumwe bubaha bwaba ubw’abantu canke ubw’Imana. Ubukristo bw’ukuri bwakira ijambo ry’Imana nk’inzu y’ubutunzi ihambaye kandi ni naryo rugero rw’uguhishurirwa kwose.IB 141.4

    Amaze guhindukira avuye i Wartburg, Luther yaraheraheje igikorwa co gushira Isezerano Risha mu rurimi rw’ikidagi maze ubutumwa bwiza bushobora guhabwa abanyagihugu bo mu Bugadi muri ubwo buryo, buri mu rurimi rwabo kavukire. Ukwo gushira Isezerano Risha mu kidagi kwakiranywe umunezero n’abo bose bakunda ukuri ; ariko kwaranebaguwe kandi kuriyamirizwa n’abahisemwo kugendera ku migenzo no ku mategeko y’abantu.IB 141.5

    Abapatiri bumvise babuze amahoro kubwo kwiyumvira ko noneho abantu basanzwe bagiye gushobora guharira na bo ku bijanye n’ivyagezwe vy’ijambo ry’Imana, kandi ko ubumenyi bwabo buke mu vyanditswe bugiye kuja ahabona. Ibirwanisho vyabo vyubakiye ku kwiyumvira mu vy’umubiri ntivyari bigifise ubushobozi imbere y’inkota ya Mpwemu. Roma yasavye ishimitse abatware bayo ku nzego zose z’Ishengero ko bahagarika urwo ruja n’uruza rw'Ivyanditse; ariko ingingo zose zafatwa, ugucirakw’iteka abantu hamwe no kubatoteza ntaco vyafashije, vyose vyararengewe. Uko yagira ishaka ryo gucira urubanza Bibiliya no kuyankiriza, ni nako abantu bumva babuze amahoro, bakaremeshwa gusa n’uko bomenya ico yigisha. Abashora bose gusoma bumva barajwe ishinga no kwisomera bo ubwabo ijambo ry’Imana. Barayigendana ahantu hose, bakayisoma bakongera bagasubiramwo, kandi bumva batanogewe igihe cose baba batarafata ku mutwe ibisomwa bitari bike. Amaze kubona ukuntu Isezerano Risha ryari ryakiranywe igishika, Luther yaciye atangura adatevye gushira Isezerano rya kera naryo mu kidagi, maze akagenda ashira ku mugaragaro ibice vyose ahejeje gusobaura.IB 141.6

    Inzadiko za Luther zakiranwa igishika haba mu gisagara canke mu mihana. “Ivyo Luther n’abangenzi biwe banditse, abandi baca babikwiragiza hirya no hino. Kubwo gutahura neza ko kuboherwa mu bigo barimwo bitari bifise ishingiro, kubwo kwipfiiza gusubiriza ubuzima barimwo bwo kwama bareze amaboko bakabukaba no kurangwa n’ibikorwa, ariko kubwo ubumenyi buke bari bafise mu bijanye no kumenyesha ijambo ry’Imana, abamonaki baragendagenda mu ntara zose, mu mihana, mu bigwati, mu mazu bagurisha ibitabo vya Luther na bagenzi biwe. Bidatevye, Ubudagi bwaranyuragiwemwo n’aba bavugisha ubutumwa ibitabo b’intwari.” (Ibid., b. 9, ch. 11.)IB 142.1

    Abakire n’abakene, abize n’abatize barasoma izo nzandiko kandi bakazigana ishaka ryinshi. Mw’ijoro, abigisha b’amashure yo mu mitumba barazisomera imirwi mito mito yaba iteramiye i ruhande y’umuriro. Inguvu zose zakoreshwa zatuma abantu bamwe bemera ukuri, bakakirana umunezero ijambo ry’Imana maze mu nyuma bakabwira abandi nabo ubwo butumwa bwiza.IB 142.2

    Amajambo yahumetswe n’Imana yarasubirwamwo:“Guhishurirwa amajambo yawe kuzana umuco, guha abatungu ubwenge”. (Zaburi 119:130) Ukwiga Ivyanditswe vyera vyariko birarangura igikorwa gihambaye co guhindura ubwenge n’imitima y’abantu. Itegeko rya Papa ryari ryabohesheje abayoboke biwe ingoyi zatuma bahora mu butamenya, bagasubira inyuma. Abantu baremera ibintazi, bakubahiriza ido n’ido amashusho; ariko muri ivyo bakora umutima hamwe n’ubwenge vyabo vyaba bibifisemwo uruhara ruto. Inyigisho za Luther, kuko zashira ahabona ukuri kwose kw’ijambo ry’Imana, mbere hamwe n’ivyo kugashira iryo jambo mu minwe y’abantu basanzwe, iryo jambo nyene ryatuma ubushobozi bwari bwaburabujwe buja ahabona mu gutyorora no mugutunganya umuntu muri Mpwemu, ariko kandi no mu guha ubwenge kugira ingoga n’ubushobozi mu buryo bushasha.IB 142.3

    Abantu bo ku rugero rwose wababonana Bibiliya mu minwe, bariko bahagararira inyigisho z’ubugorozi. Abayoboke ba Papa bari barekeye ivyigwa vy’ijambo ryimana abapatiri n’abamonaki barahamagarwa guseruka noneho ngo bahinyuze izo nyigisho nshasha. Ariko kubera yuko batari bazi Ivyanditswe kandi batatahura ubushobozi bw’Imana, abapatiri n’abarongozi b’lshengero barabura ico bavuga imbere y’abo bama bagirije ko batize kandi ko bataye umurongo. Ariko gusa, nk’uko vyashikirijwe n’umwe mu banditsi b’abakatolika, “Luther yari yagerageje kwumvisha abayoboke biwe ko ata kindi kintu boshiramwo ukwizera kwabo uretse Ivyanditswe vyera.” (D'Aubigne, b. 9, ch. 11.) Abantu barashobora gukorana kugira ngo bakurikirane ukuri kwariko kurashikirizwa n’abantu bafise amashure abayabaye, mbere ugasanga n’abakurikiye ivy’iyobokamana baminuje kandi b’imvuzi, barabahaririza. Vyaba ari ibintu biteye isoni kubona abo bantu bigira abahambaye biboneka ko hari ibintu batazi mu gihe ivyiyumviro vyabo bari bubatseko wasanga ata shingiro bifise imbere y’inyigisho zisanzwe z’ijambo ry’Imana. Abakozi, abasoda, abagore mbere n’abana, bari bamenyereye inyigisho za Bibiliya kurusha abapatiri n’abandi bantu baminuje mu bumenyi.IB 142.4

    Ubudasa hagati y'abigishwa b’ubutumwa bwiza hamwe n’abakiriye inyigisho z’ibintazi z’ubupapa ntibwaboneka gusa mu bantu ba nyarucari kuruta uko bwaboneka mu bantu b’incabwenge. “Abantu bari bashigikiye urwego rw’uburongozi bwa kera rwari rwafashe minenerwe ivyigwa vy’indimi no guteza imbere ubuhinga... bari babangabanganywe n’urwaruka rushira imbere umutima wo gutanga, rwijukiye kwiga, rurondera inu Vyanditswe kandi rugerageza gutohoza ivyabaye mu bihe vya kera. Kubwo kuba bari bafise ubwenge bwama bukora, ivyiyumviro vyo hejuru, umutima urinda, abo basore bahavuye baronka ubumenyi hadaheze igihe kirekire ku buryo kitari ikintu coroshe guhangana nabo mu vy’ubwenge....Kandi na none igihe urwo rwaruka rwari ruhagarariye ubugorozi rwahangana mw’ikoraniro iryo ari ryo ryose n'abayoboke ba Papa b’incabwenge kuruta abandi, barabasagiriza biboroheye kandi ata guhugumba, ku buryo izo ncabwenge vyaboneka ko zizi ibintu bike, zikabura amahoro, maze zikamaramarira imbere y’abantu bose.” (Ibid., b. 9, ch. 11)IB 143.1

    Mu gihe abarongozi b’Ishengero Gatolika ry’i Roma babona abayoboke babo bariko barabavako, barondeye ubufasha bw’abatware b’igihugu; maze bakoresheje ubushobozi bwose bari bafise, bagerageza kubagarukana mu ruhongore. Ariko rero abantu bari bamaze kuronka ivyo bipfuza mu nyigisho zariko zirashikizwa n’Abagorozi, baciye batera umugongo abo bari barabagaburiye igihe kirekire ivyo kurya bibishe vyo kwemera ibintazi hamwe n’imigenzo y’abantu.IB 143.2

    Mu gihe agahamo kari gahanamiye abo bigisha b’ukuri, bano bateze amatwi amajambo ya Kristo ati: “Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi.” (Mateyo 10:23) Umuco warashikiriye ahantu hose. Abo bariko baratuzwa bararonka ahantu bugururirwa urugi bakakirwa, bakahamara igihe, bakahamamariza Kristo, rimwe na rimwe bakabikorera mu rusengero; baba naho babankiye kuhakorera, bagakoranira mu mazu adasanzwe canke mu bibanza abantu bose bababona. Aho hose bashobora kubatega amatwi hahinduka ahateguriwe kuba ingoro y’Imana. Ukwo kuri kwamamajwe hakoreshejwe izo nkomezi, kandi ata gukereranya kwarakwiragijwe hose kubwo ubushobozi butoshobora kugondwa.IB 143.3

    Abarongozi b’Ishengero n’abatware b’igihugu bari basabwe kuzimanganya ubugorozi vyabataye ku w’amazi. Gupfunga abantu, kubatoteza, kubica babaturiye canke babasogose ntivyabereye. Abizera ibihumbi baremanze ukwizera kwabo gushika n’aho bahasiga ubuzima; ariko igikorwa nticaciye gihagarara, carabandanije. Agahamo kashoboye gufasha vyonyene kwamamaza ukuri, maze ico Satani yari yishimiye co kwifatanya n’abashigikira ibintu hatabanje kubaho kurimbura catumye ubudasa hagati y’igikorwa ca Satani n’igikorwa c’Imana burushiriza kugaragarira bose.IB 143.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents