Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Igikorwa Ca Kristo

    Satani amaze kurangiza ibigeragezo vyiwe, asiga Yesu akanya gato. Abamarayika bamutegurira ibifungurwa mu bugaragwa kandi baramukomeza, hanyuma umugisha wa Data umuzako. Ibigerageza vy'akamarampaka biteye ubwoba kurusha ibindi vya Satani vyari vyananiwe, yamara yari arindiranye igishika igihe Yesu azoba atanguye igikorwa ciwe, aho mu kindi gihe azomugerageza akoresheje amayeri atandukanye. N'ubwo nyene yari acizigiye kumutsinda mu kugumura abatazokwakira Yesu ngo bamwanke hanyuma bamurandure.IY 59.2

    Satani hamwe n'abamarayika biwe bari bafatiriwe cane mu gihe yariko ararangura igikorwa ciwe, ahumekera abantu ukutizera, urwanko, hamwe n'ubushangashirwe. Kenshi Yesu avuze Ukuri gukarishe, kwerekana ivyaha vyabo, abantu baca buzura umujmya. Satani n'abamarayika biwe baguma babosha ngo bake ubuzima Umwana w'lmana. Irirenze rimwe baratora amabuye ngo bamutere, mugabo abamarayika bakamurinda maze bakamujana bamurahuye mu vyara vy'abo bantu babambawe bakamushira mu kibanza gitekanye. N’aho nyene, uko Ukuri kweruye kwava mu minwa yiwe yera amasinzi yaramufata maze bakamushira kugatemwe kumusozi ngo bamute mu manga. Hanyuma bagatangura guharira kuco bakwiye kumukoza, abamarayika bakongera bakamunyegeza aho batabona, akabaca hagati akigira.IY 59.3

    Satani yaguma yizera ko umugambi uhambaye w'agakiza uzosendwa. Vakoresha inkomezi ziwe zose kugira ngo atere imitima y'abantu gukomantara hamwe n'ibigumbagumba vyabo kuba umururazi kuri Yesu. Yizera ko bake aribo bazomwizera nk'Umwana w'lmana maze agashira ku munzane umubabaro wiwe hamwe n'ikimazi ciwe ko birengeye kuba ivy'akarwi gato. Mugabo n'iyo haza kuba babiri bizera Yesu nk'Umwana w'lmana hanyuma bakamwizera kuvy'agakiza, yari gusohoza umugambi wiwe.IY 60.1

    Kwirura ababaye-Yesu yatanguye igikorwa ciwe mu kumenagura ubushobozi bwa Satani ku mubabaro. Yasubije itoto abarwaye bagira amagara mazima, ahereza kubona impumyi, akiza ibimuga, atuma vyiterera hejuru vyuzuye umunezero no guhimbaza Imana. Asubiza itoto abari bamaze igihe kirekire barwaye, afata mpiri ubushobozi bubi bwa Satani imyaka myinshi. Hamwe n'amajambo y'ubuntu yararemesheje abanyentege nke, abahinda agashitsi hamwe n'abakengeretse. Ba magoyagi, n'abababaye abo Satani yari yaranesheje, Yesu abagobotora mu vyara vyiwe, abaha amagara muvy'umubiri hamwe n'uguhimbarwa n'umunezero. Azura abapfuye, bahimbaza Imana ku kwerekanwa kw'ububasha bwayo. Akora mu buryo bwuzuye inkomezi kur'abo bose bamwizera.IY 60.2

    Ubuzima bwa Kristo bwari bwuzuye amajambo n'ibikorwaIY 60.3

    vy'uburwaneza, ukubabara abandi, hamwe n'ureukundo. Yama na ntaryo yiteguye kwumviriza no gutezurira ingorane abaza kuri we. Imibiri yakira y'amasinzi y'abantu yari itwaye ibimenyamenya vy'ububasha bw'ijuru. Yamara inyuma y'aho yaba amaze gubakorera vyinshi, benshi baramaramara kubw'uwo Mubwirizabutumwa aciye bugufi mugabo w'umunyenkomezi. Kubera ko abarongozi batamwizera, abantu ntibashaka kwakira Yesu. Yari umugabo w'umunyamibabaro azi intimba uko imeze. Ntibihanganira kuyoborwa n'ubuzima bwiwe burangwa no kujana n'ivyoroheje, kandi bwo kwiyanka. Bashaka kuryohererwa icubahiro isi itanga. Yamara rero benshi barakurikiye Umwana w'lmana hanyuma bakumviriza ivyo avuga, bagahimbarwa n'amajambo ava ku minwa yiwe azananye Ubuntu. Amajambo yiwe yari yuzuye insiguro, ariko rero n'umwe muri bo w'umunyantege nke asanzwe yarashobora kuyatahura.IY 61.1

    Abarwanizi ataco bashikako-Satani hamwe n'abamarayika biwe barasuka uruhuni mu maso n'umwijima mu bwenge bw'Abayuda, hanyuma ateza umugumuko abakuru mu bantu hamwe n'abatware kugira ngo bake ubuzima bw'Umukiza. Abatware barungika abandi babazanire Yesu, mugabo abo nabo bamwegereye aho aherereye bagatangara cane. Baramubona yuzuye ukwitaho abandi hamwe n'akagongwe ariko araraba imibabaro y'abantu. Baramwumva avuga mu rukundo hamwe n'ubugwaneza atera intege abanyentege nke hamwe n'abababaye. Baramwumva kandi, avugana ububasha, akankamira ubushobozi bwa Satani yongera ategeka abo yagize imbohe ngo bagende bidegemvya. Barumviriza amajambo yiwe y'ubwenge, bagaca bafatwa mpiri. Ntibashobore kumufata. Bagasubira inyuma ku baherezi n'abakuru batajanye Yesu.IY 61.2

    Bababajije bati: “Kuki mutamuzanye?” Baca bishura ko babonye ibitangaza, hamwe n'amajambo y'ubwenge yera yiwe, urukundo, hamwe n'ubumenyi bumvise.IY 61.3

    Bagaherahereza mu kuvuga bati, “Ntitwari bwigere twumva umuntu n'umwe avuga nkawe!” Yohana 7:45, 46. Abakuru mu baherezi babagiriza ko nabo bazimijwe, maze bamwe mu barongozi bakamaramazwa n'ingene batamufashe. Abaherezi bakabaza n'ugukankama nimba hoba hariho abakuru boba bamaze kumwizera. Benshi mu bacamanza hamwe n'abakuru bari bamwizeye, mugabo Satani yabateje kubinuma ngo ntibavyemere. Batinya gukarirwa n'abantu gusumba uko batinya Imana.IY 62.1

    Kugeza aho amayeri y'imitego hamwe n'urwanko rwa Satani ntivyari bwasenyure umugambi w'agakiza. Igihe cariko kiregereza kuri Yesu kugira ngo ashitse intumbero yari yamuzanye mw'isi. Satani hamwe n'abamarayika biwe bari bagiye inama maze bafata ingingo yo guteza ihanga rya Kristo nyene ngo batere induru bashaka amaraso yiwe no gukoraniriza hamwe ububisha hamwe no kumurakira. Bizera ko Yesu yokwanka gufatwa uko agaheza akananirwa guca bugufi n'ubugwaneza.IY 62.2

    Mu gihe Satani yariko arashira hirya no hino imigambi yiwe, Yesu yariko arugururira mu bugwaneza imibabaro yiwe abwirizwa gucamwo-ko azobambwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu. Mugabo ugutahura kwabo kwasa n'ukwijimye, ntibashobora gutahura ivyo yari yababwiye. Ugukuyangana-Ukwizera kw'abigishwa kwarakomejwe bihambaye mu gihe co gukayangana, aho bemerewe kubona ubwiza bwa Kristo hanyuma bakumva ijwi rivuye mw'ijuru rishinga intahe kamere yiwe y'ijuru. (Raba Matayo 17:1-8.) Imana yahisemwo guha abakurikiye Yesu ikimenyamenya gihambaye ko ari we Mesiya yasezeranywe, kugira ngo mu mubabaro wabo w'umururazi hamwe no kugwa mu kantu igihe yabambwa, kugira ngo ntibatakaze ukwizera ijana kw'ijana. Mu gihe co gukayangana Uhoraho yarungitse Mose na Eliya ngo bavugane na Yesu kuvyerekeye imibabaro yiwe n'urupfu rwiwe. Mu gishingo co guhitamwo abamarayika ngo baganire n'Umwana w'lmana, Imana yahisemwo abantu bo ubwabo baciye mu bigeragezo vyo kw'isi.IY 62.3

    Eliya yari yaragendanye n’lmana. Igikorwa ciwe cari kigoye kandi kirimwo ibigeragezo, kuko biciye muri we Uhoraho yari yarashize ahabona ivyaha vya Isirayeli. Eliya yari umuvugishwa n'lmana, yamara vyabaye ngombwa ko aza arahunga ava mu kibanza kimwe aja mu kindi kugira arokore agatwe. Ihanga ryiwe bwite ryaramuhize nk'inyamaswa yo mw'ishamba kugira ngo bamurandure. Imana yimura Eliya. Abamarayika baramujana mu bwiza hamwe n'intsinzi, atabanje guhonja urupfu.IY 63.1

    Mose yari uwuhambaye kurusha abantu bose boba bari barabayeho imbere yiwe. Imana yari yaramuteye iteka ryinshi. Yatewe iteka ryo kuvugana n'Uhoraho imbonankubone, nk'uko umuntu avugana n'umugenzi wiwe. Yaremerewe kubona umuco ukayangana hamwe n'ubwiza bw'akaburarugero butwikiriye Data. Biciye muri Mose Uhoraho yabohoye Abisirayeli abavana mu buja bw'Abanyegiputa. Mose yari umuhuza w'abantu biwe, na ntaryo yahagara hagati yabo n'uburake bw'lmana. Igihe uburake bw'lmana bwari bwabaye bwinshi kuri Isirayeli kubwo kutizera kwabo, ukwidodomba, hamwe n'ivyaha vyabo vy'agahomerabunwa, urukundo Mose yabakunda rwarageragejwe. Imana itanga iciyumviro co kubarandura hanyuma igakura ihanga rikomeye muri we. Mose yerekana urukundo afitiye Isirayeli mu kwinginga ashimitse kwiwe ku bwabo. Mu mubabaro wiwe yasenze Imana ngo yigarure mu burake bwayo maze iharire Isirayeli, canke ihanagure izina ryiwe mu gitabo cayo.IY 63.2

    Mose yaciye mu rupfu, mugabo Mikayeli aramanuka amusubiza ubuzima imbere y'uko umubiri wiwe ubora. Satani yagerageje gufatira ikiziga ciwe, avuga ko ari iciwe, mugabo Mikayeli azura Mose maze amujana mw'ijuru. Satani yaraniganye yuzuye umururazi, arega ko idafise ubutungane mu kwemera ko isahu ryiwe aryakwa. Mugabo Kristo ntiyatutse uwo murwanizi wiwe, n'aho vyaciye mu bigeragezo vya Satani ko umusuku w'lmana yari yaguye. Mu bugwaneza yamuvuzeko kuri Data, ati: “Uhoraho aguhane!” Yuda 9.IY 63.3

    Yesu yabwiye abigishwa biwe ko bamwe mu bahagaze hamwe nawe batazohonja kurupfu kugeza babonye ubwami bw'lmana buzananye n'ubushobozi. Mu gihe yahinduka ukundi mu maso yabo iryo sezerano ryaragiye mu ngiro. Mu maso ha Yesu hahindurirwa ngaho, hakayangana nk'izuba. Impuzu ziwe zirera no gukayangana. Mose yari ngaho ngo aserukire abazozurwa bakuwe mu bapfuye igihe Yesu azogarukirako. Eliya nawe, yari yarajanywe atabonye urupfu, yaserukira abazohindurwa bakambara ukudapfa Kristo niyagaruka maze bakajanwa mw'ijuru batabonye urupfu. Mu guhinda agashitsi hamwe n'ubwoba abigishwa barabonye ubwiza bw'ubukuru butovugwa bwa Yesu hanyuma igicu kirabatwikira, maze bumva ijwi ry'lmana mu bukuru buteye ubwoba, rivuga riti, “Uyu ni we Mwana wanje nkunda. Ni mumwumve!”IY 64.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents