Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Kristo Yumvirizwa N'intahe

    Satani n'abamarayika biwe bari bazambaye mu nzu y'iburaniro, mu kwica ibigumbagumba n'ikibabarwe c'umuntu. Icuka cari kiremerejwe kandi cononywe n'ubwaku bwabo. Baha ivyiyumviro vy'abaherezi bakuru hamwe n'abakuru ngo batuke no guhohotera Yesu mu buryo bugoye kwihanganirwa n'imero y'umuntu. Satani yibaza ko agacokoro hamwe n'igikenye bishobora guteza ukwidoga canke kuvugira mu bwongoshwa k'Umwana w'lmana, canke ko yokwerekana ubushobozi bwiwe nk'lmana hanyuma yigobotore mu vyara vy’uwo murwi w'inkorabara, kugira ngo biciye mur'iyo nzira umugambi w'agakiza uheze utsindwe.IY 68.3

    Petero amwihakana-Petero yarakurikiye Umwami wiwe inyuma yo guhemukigwa kwiwe. Yari ahagaritswe umutima wo kubona ivyoshikira Yesu. Mugabo igihe yagirizwa ko ari umwe mu bigishwa ba Yesu, gutinya kuhasiga agatwe kwamushikanye kwatura ko atazi uwo mugabo. Abigishwa bari bazwi nk'abantu bafise imvugo itagira amahinyu, hanyuma Petero, kugira ngo yemeze abamwagiriza ko atari umwe mu bigishwa ba Kristo, yihakana ico cagiriji ubugira gatatu akoresheje kwisiba n'indahiro. Yesu, yari kure gato ya Petero, arahindukira yuzuye umubabaro, amwitegerezanya indabo yo kumuhana. Hanyuma iyo ntumwa yibuka amajambo Yesu yari yamubwiye bari mu cumba co hejuru, hanyuma kandi n'amajambo yiwe yari yivugiye n'ubwira bwinshi, “Ivyawe n'iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.” Matayo 26:33. Yari yihakanye Umwami wiwe, mbere yongeyeko kwisiba n'indahiro, mugabo kurabwa na Yesu kwarashongesheje umutima wa Petero maze kuramukiza. Ararira yuzuye umururazi kandi arihana icaha ciwe gihambaye, maze arahindukira, aho rero yari yiteguye gukomeza abavukanyi biwe.IY 69.1

    Mu ngoro y'ubucamanza-lryo shengero ryose riterera induru rimwe basaba amaraso ya Yesu. Abasirikare baramushinyagurira, bamwambika ikanzu y'ubwami ishaje, hanyuma bambika umutwe wiwe wera urugori rw'amahwa. Bamufumbatisha irenga mu kiganza hanyuma baramwunamira, bamushinyagurira bati: “Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda.” Yohana 19:3. Hanyuma baraheza batora iryo renga ryari mu kiganza ciwe bararimukubitisha mu mutwe, ivyo navyo bigatuma amahwa amucumita, hanyuma amaraso aratemba mu maso no mu bwanwa.IY 69.2

    Yesu yari azi ko abamarayika biwe bariko bararaba ingene ugukengerwa kwiwe kuriko kuragenda. Umumarayika w'umunyentege nke kurusha abandi yari gushobora ku mugobotora, ivyo navyo bikaba vyari gutuma uwo mugwi ugwa bukumbi. Yesu yari azi ko asavye Data, abamarayika bomukura mu vyara vy’uwo mugwi. Mugabo vyari nkenerwa kuri we ko ababazwa n'abanyakibi, kugira ngo umugambi w'agakiza usohore.IY 70.1

    Yesu yahagararanye ubugwaneza kandi aciye bugufi imbere y'uwo mugwi w'inkorabara mu gihe bamuhohotera bimwe bibi. Bamucira mu maso-mu maso ha handi umusi umwe bose bazinyegeza, hamwe hazotanga umuco ku gisagara c'lmana hanyuma hakarushiriza gukayangana gusumba izuba. Kristo ntiyigeze arabana igitsure kubagirira nabi. Batwikiriye umutwe wiwe impuzu ishaje, baramutwikira mu maso, hanyuma bamukubita mu maso bamubaza bati, “Vugishwa, Ni nde agukubise?” luka 22:64. Bamwe mu bigishwa biwe bari bashize ubwoba ko bokwinjira aho Yesu ariko hanyuma bakabona ingene yumvirizwa. Bari biteze ko yokwerekana ubushobozi bwiwe bw'ijuru, akivana mu vyara vy'aabansi biwe, hanyuma agahana ububisha bwabo bamwerekanyeko. Ivyo vyizigiro vyabo vyaraza bikongera bigakamangana uko ibintu vyatera bigenda. Rimwe rimwe barakekeranya, bafise ubwoba ko bazimiye. Mugabo rya jwi bumvise kumusozi wo gukayangana, hamwe n'ubwiza bahaboneye, vyarakomeza ukwizera kwabo ko ari Umwana w'lmana. Baribuka ivyo babonye, ibitangaza bari barabonye Yesu akora mu gukiza abagwaye, muguhumura amaso y'impumyi, kuzibura amatwi y'ibipfamatwi, gukankamira no gusenda abadayimoni, kuzura abapfuye, hamwe mbere no guhumuza ingunza mu kiyaga.IY 70.2

    Ntibashobora kwemera ko yopfa. Barizigira ko ashobora guhagurukana ubushobozi, hamwe n'ijwi ririmwo itegeko agahundagaza uwo murwi unyotewe amaraso, nk'uko igihe yinjira mu rusengero agaheza akirukana abadandaza hamwe n'abavunja amahera bari bagize inzu y'lmana ikibanza co kudandarizamwo, igihe bamuhunga nk'aho ari umugwi w'abasirikare witwaje ibigwanisho uriko urabirukako. Abigishwa bizigira ko Yesu aza kwerekana ubushobozi bwiwe hanyuma akumvisha bose ko ari we Mwami wa Isirayeli.IY 70.3

    Kwatura kwa Yuda-Yuda yari yuzuye ukwicuza hamwe n'ibiteterwa birangwa n'umururazi kubw'igikorwa ciwe co kugambanira Yesu. Amaze kubona ukuntu bakubaguye Umucunguzi, ararengerwa. Yari yarakunze Yesu, mugabo yakunda amahera kuruta. Ntiyari yiyumviriye ko Yesu yoreka uwo murwi yazanye ukamufata. Yari yiteze ko akora igitangaza hanyuma akabavamwo. Mugabo amaze kubona ishengero ry'abantu ryabambawe mu nzu y'iburaniro, banyotewe amaraso yiwe, yaciye yumva mu buryo bwimbitse ikosa ryiwe. Mu gihe benshi bariko baragiriza Yesu bashimitse, Yuda yaraserutse mw'ikoraniro, yatura ko yacumuye mu kugura amaraso y'uwutagira igicumuro. Ashikiriza abaherezi amahera bari bamuhemvye, abasaba ko barekura Yesu, avuga ko atagira icaha na kimwe.IY 71.1

    Umwanya muto, ishavu hamwe n'urujijovyateyeabaherezi ku numa. Ntibashaka ko abantu bamenya ko bari bahereye umwe mu bitwa abakurikiye Yesu kugira amubahe. Bashaka kunyegeza ko bahize Yesu nk'igisuma hanyuma bakamufata mw'ibanga. Mugabo ukwo kwatura kwa Yuda, n'ingene yaboneka ko afise ico yiyagiriza ajonjogoye vyashize ahabona abaherezi imbere y'ishengero, vyerekana ko rwari urwanko rwabateye guhagarika Yesu. Mu gihe Yuda yatangaza n'ijwi rirenga ko ata caha agira, abaherezi baramwishuye bati, “Bidutwaye iki? N'ivyawe!” Matayo 27:4. Yesu bari bamufise mu vyara vyabo kandi bari baza bafashe ingingo idasubira inyuma yo gusozera imigabo yabo. Yuda amaze kurengerwa n'umubabaro, aterera ya mahera yari ageze aho ayakengera ku birenge vy'abari bamuherereye, hanyuma, afise umujinya hamwe n'ibimaramare, aragenda aca arimanika.IY 71.2

    Yesu yari afise benshi bamufitye ikibabarwe harunde yiwe, kandi kuba ataco yishura kubibazo vyinshi bamubaza vyaratangaza abahakoraniye. Ariko ashinyagurirwa hamwe n'igikenye uwo mugwi wamugirako, nta minkanyari, nta n'ukwerekana ko ahangayitse mu maso hiwe. Yari atewe iteka kandi atekanye. Ababiraba bamwitegerezanya ugutangara.baragereranije ukuntu yari ashikamye kandi adatirigana, n'ukuntu yari atekanye hamwe n'ingene abari bicaye bariko baramucira urubanza rwo kumutsindisha, hanyuma baravugana hagati yabo ko yaboneka nk'umwami gusumba umwe wese wo muri abo bakuru. Nta kimenyetso c'inkozi y'ikibi yari afise. Ijisho ryiwe ryari ritekanye, ritomoye kandi ata bwoba rifise, uruhanga rwiwe rwari rwagutse kandi rwemye. Uko yaboneka kwose kwarangwa n'ubugwaneza hamwe n'ingingo ngenderwako y'umwubahwa.IY 72.1

    Ukwihangana kwiwe hamwe n'ukwifata ntivyasa n'ivy'umuntu asanzwe ku buryo benshi bajugumiye. Na Herodi na Pilato barabuze amahoro rwose kubw'ugutekana hamwe n'itekane vyiwe.IY 72.2

    Yesu imbere ya Pilato-Kuva ubwa mbere, Pilato yari azi neza adakekeranya ko Yesu atari umuntu asanzwe. Yarizera ko yarangwa na kamere y'akaroruhore kandi atacaha afise ijana kw'ijana kuvyo bamwagiriza. Abamarayika bariko baribonera ibiriko biraba barabona ko abo batware b'Abaromani babonye ko ataco azira, hanyuma bakagerageza kumurokora kugikorwa co gutanga Kristo ngo abambwe, umumarayika arungikwa kumugore wa Pilato, uwo nawe amenyesha amakuru biciye mu nzozi ko ari Umwana w'lmana umugabo wiwe ariko arabaza, kandi ko ata kintu na kimwe azira n'aho ababazwa. Ubwo nyene aca arungikira ubutumwa Pilato, buvuga ko yababajwe vyinshi mu nzozi kubwa Yesu yongera amugabisha ngo ntagire ico akora kur'uwo muntu w'umugorortsi. Intumwa isunika abantu bari bakinje, ashira ikete mu minwe kwa Pilato. Arisomye, aragugumwa kandi aca ariraburanigwa, ubwo nyene aca afata ingingo itisubirako ko ata kintu na kimwe kijanye no kumwica aza gukora. Nimba Abayuda bakeneye amaraso ya Yesu, ko we ata bwaku yoshiramwo, ahubwo ko aza gukora kugira ngo amubohore.IY 72.3

    Arungikwa kwa Herodi-Pilato yumvise ko Herodi ari I Yerusalemu, yarumvise ko aremurukiwe rwose, kuko yibaza ko aza kubihunga ngo ntiyagirwe no gushira mumburano no gutsindisha Yesu. Ubwo nyene aca aramurungika, ari kumwe n'abamwagiriza, kwa Herodi. Uwo mutware yari yarakomantariye mu caha. Urupfu rwa Yohana Umubatizi rwari rwasize mu mutimanama wiwe agahonzi kari karanse kumuvamwo. Yumvise ivya Yesu hamwe n'ibikorwa bikomeye yari yarakoze, yaratinye arahinda agashitsi, yibaza ko yoba ari Yohana yazutse mu bapfuye. Pilato abimutayeko Yesu, Herodi yaciye afata ko ari igikorwa co kwemera ubutware, ububasha, hamwe n'imanza ziwe. Ibi vyatumye abo bategetsi babiri baba abagenzi, kandi imbere y'aho bari abansi. Herodi yarahimbawe no kubona Yesu, yiteze yuko ahava akora igitangaza c'inkomezi kugira ngo amushike kunyota. Yamara nticari igikogwa ca Yesu guhimbara abanyamakenga canke kurondera umutekano wiwe bwite. Yoshobora kwerekana ubushobozi bwiwe bw'ubumana bw'igitangaza kubw'agakiza k'abantu, mugabo Atari kubwiwe gusa.IY 73.1

    Yesu ntaco yishuye kubibazo vyinshi Herodi yamubajije, canke ngo yishure abansi biwe, bariko baramwagiriza bashimitse. Herodi yarashangashiwe kubera ko Yesu atabonetse ko atinya ubushobozi bwiwe, hamwe n'abarwanyi biwe yaratonaguye, aracumita, mbere aratoteza Umwana w'lmana. Yamara yaratangajwe n'ukuntu Yesu yaboneka nk'umunyacubahiro, asa n'lmana aho yamuhohotera atadusoni afise, maze, atinya kumutsindisha, amurungika kwa Pilato.IY 73.2

    Satani hamwe n'abamarayika biwe bariko baragerageza Pilato kugira aze ahasigare. Bamwereka ko n'atagira uruhara mu gutsindisha Yesu, abandi babikora. Ikoraniro ryari rinyotewe amaraso ya Yesu, kandi ko Pilato atamutanze ngo abambwe, azotakaza ubutegetsi bwiwe hamwe n'icubahiro c'isi hanyuma akaregwa ko yizera uwo muhumvyi. Biciye mubwoba bwo gutakaza ubutegetsi n'ububasha, Pilato aremeza urupfu rwa Yesu. N'aho yashize amaraso ya Yesu ku bamwagirije, ishengero naryo ryaravyakiriye, rivugiriza induru rimwe ngo, “Amaraso yiwe araba ari twebwe akora, n'abana bacu.” Matayo 27:25, yamara Pilato ntiyari atabifisemwo uruhara; nawe nyene amaraso ya Kristo yaramwagira. Kubw'inyungu ziwe z'inarije, urukundo yakunda icubahiro kiva ku bantu bakomeye bo kw'isi, atanga iyo nzirakarengane ngo yicwe. lyo Pilato aza gukurikira ivyo yemera, ntabwo yari kwagirwa na kimwe mu gutsindisha Yesu.IY 74.1

    Uko Yesu yaboneka hamwe n'amajambo yavuga mu gihe bariko baramwumviriza vyarasize ikintu gikomeye mu bwenge bw'abari ngaho. Ingaruka y'ukwo kuboneka zaribonekeje inyuma yo kuzuka kwiwe. Mu biyongereye kw'ishengero, hariho benshi ukunyurwa kwabo kwahereye igihe yariko arabazwa muri sentare.IY 74.2

    Umujinya wa Satani abonye ingene ubwo bubisha bwose Abayuda bagize kuri Yesu butamuteye n'umwidogo n'iyo woba muto kuri we. N'aho yari yariyambitse ishusho y'umuntu, yari azigamwe n'igihome kimukingira c'ubumana kandi ntiyigeze ava na gato mu bugombe bwa Oata.IY 74.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents