Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca gatatu: Akaga

    Hagati mur'iryo tongo, hagufi y'igiti c'ubugingo, hari hahagaze igiti kimenyekanisha ikibi n'iciza. Imana yari yashizeho iki giti neza na neza kugira ngo berekane ikimenyamenya c'ukugamburuka kwabo, no kuyikunda kwabo. Uhoraho ategeka abavyeyi bacu bambere ko badakwiye kurya ku vyamye kuri ico giti, kugira ngo ntibahave bapfa.IY 10.1

    Ibabwira ko bashobora kurya uko bagomvye ku vyamye ku biti vyose vyo muri iryo tongo kiretse kimwe gusa, mugabo ko bishitse bakarya ku vyamye kur'ico giti, ata kabuza bazopfa.lgihe Imana ishize Adamu na Eva muri iryo tongo ryiza rya Edeni, bari bafise ikintu cose bari kwipfuza kugira ngo baryoherwe. Mugabo rero Imana, mu migabo yayo irimwo ubushishozi, ihitamwo kubaha urupimo rwo kugamburuka imbere yo kubaha kuba impore ibihe vyose. Bari bafise ugutoneshwa nayo, yaravugana nabo, nabo bakavugana nayo. Yamara ntiyashize ikibi aho badashobora gushika.IY 10.2

    Satani yari yemerewe kubagerageza. Batsinze urwo rupimo, bari kuba mu gutoneshwa n'lmana hamwe n'abamarayika bo mw'ijuru ibihe vyose. Satani yarasizwe n'ukwo kuntu gushasha yari agiye kubamwo. Umunezero wiwe wari wagiye. Yararaba abamarayika bari barigeze kunezererwa co kimwe nawe, mugabo bakaba birukananywe nawe mw'ijuru. Hagati yabo hari ukutumvikana, ukutavuga rumwe, hamwe no kwagirizanya kurimwo umururazi. Imbere y'umugararizo wabo ivyo bintu ntivyari bwamenywe mw'ijuru. Satani rero yari yabonye ingaruka mbi z'umugararizo wiwe.Nka hamwe yari gusubira kumera nk'uko yari igihe atagira agatosi, akaba umunyakuri hamwe n'intamuheba, yari gushobora guhebana umunezero ivyo yaburana vy'ubutware bwiwe. Mugabo yari yazimiye! Umugararizo wiwe utagira aho ufatiye, uvuye ku gushaka wari wamushize ahadashobora gushikwa n'ugucungurwa!IY 10.3

    Kandi ivyo ntivyari bihagije. Yari yateje abandi umugumuko hamwe no kuzimira co kimwe nawe nyene-abamarayika, batari bwigere biyumvira kugira amakenga kuntumbero y'ijuru canke ngo banke kugamburukira ivyagezwe vy'lmana kugeza igihe babishiriye mu bwenge bwabo. Ubu rero bari bahagaze mu kajagari kavuye mu vyizigiro vyasenzwe. Mu gishingo c'iciza gisumba ibindi, bariko baribonerako ingaruka zibabaje zo kugarariza no gukengera ivyagezwe vy'lmana.IY 11.1

    Satani ashira kumunzane inzira yiwe-Satani yarahinze umushitsi aravye igikorwa ciwe. We wenyene, yariyumviriye imigabo yiwe yo muri kahise, kubu, na kazoza. Mumugararizo wiwe, ntamvo n'imwe yari kumutera gufata inzira yajanye, yari yishe vyose mu buryo atacizigiro na kimwe cari gisigaye, Atari kuri wenyene gusa ahubwo n'abamarayika benshi nabo nyene badasigaye inyuma, iyo bitaza kuba vyagenze uko bari kuba banezerewe mw'ijuru iyo baguma ari abanyakuri. Ivyagezwe vy'lmana vyashobora gucira iteka, Atari ukubabarira. Iryo hinduka ridasanzwe ry'igihagararo ntiryari ryongereje urukundo rwiwe ku Mana canke Ivyagezwe vyayo vyuzuye ubushishozi kandi bitunganye. Aho satani yamenya neza ata gukeka ko bitagishoboka ko asubira gutoneshwa n'lmana, yaciye ashira kumugaragaro umugambi wiwe mubi harimwo urwanko rwiyongereye hamwe n'ukubishirako umutima bikabije mu buryo bwuzuye bururumba.blmana yar'izi ko umugararizo nk'uwo utisubirako utazoguma ataco ukora. Satani yari agiye gushiraho uburyo bwo kubabaza abamarayika bo mw'ijuru hamwe no kwerekana ko afise ubutware. Kuva ubwo ntiyemerewe gusubira kwinjira amarembo y'ijuru, yari agiye kuza ararindirira murwinjiriro kugira ngo agerageze abamarayika no kugerageza guharira nabo igihe cose binjiye canke basohotse. Yari agiye kurondera gusambura umunezero wa Adamu na Eva. Yari agiye gukora ukwo ashoboye kwose kugira ngo abatere umugararizo, azi ko ivyo vyose bizotera umubabaro mw'ijuru. IY 11.2

    Umugambi mubi wo kurwanya umuryango w'umuntu- Satani yabwiye abamukurikiye ibijanye n'imigabo yiwe yo gukura uwo mugabo mwiza Adamu hamwe n'umutambukanyi wiwe Eva ku Mana. Yabona ko nka hamwe yokoresha amayeri akabata mu mutego wo kutagamburuka, Imana yari gushobora gushiraho inzira yotuma baharirwa, gurtyo rero we n'abamarayika baguye bagashobora kuzana imburano z'uko nabo bogirirwa imbabazi hamwe nabo.IY 12.1

    Ibi vyanse, bagaca bifatanya na Adamu na Eva, kubera ko bishe ivyagezwe vy'lmana, nabo nyene bakaba biteze uburake bw'lmana nabo nyene, co kimwe na Satani hamwe n'abamarayika biwe. Uwo mugararizo ukabashira nabo nyene mu nzira y'umugumuko, nka Satani n'abamarayika biwe, bagaheza bakishira hamwe na Adamu na Eva, bakifatira Edeni, bakayigira aho bibera. Hanyuma bashoboye gushika kugiti c'ubugingo kiri hagati mw'itongo, inkomezi zabo, ivyiyumviro vyabo, bigaca bingana n'ivy'abamarayika bera, mbere n'lmana ubwayo ntibe yoshobora kubirukana.IY 12.2

    Adamu na Eva bagabishwa-lmana yakoranije abamarayika ngo bagire ico bakoze kugira babuze ikibi cari kibahanze gushika. Mu nama yo mw'ijuru abamarayika bo mw'ijuru bari bagiye kugendera Edeni bagaheza bakagabisha Adamu ko yari ahanzwe n'umwansi.IY 12.3

    Abamarayika baha Adamu na Eva inkuru y'ingene umugararizo wa Satani n'ukurwa kwiwe vyagenze. Barabamenyesheje mu buryo butagiramwo amakenga ko igiti kimenyekanisha ikibi n'iciza cashizwe mw'itongo kugira ngo ibe inzira berekaniramwo ubugamburutsi bwabo hamwe n'urukundo bakunda Imana. Abamarayika bera bashobora gusa kugumana urugero rwabo ruhanitse kandi rurangwa n'umunezero kubwo kwubaha kwabo, kandi nabo nyene kwari nk'uko. Barashobora kugamburukira ivyagezwe vy'lmana hanyuma bakaba abanezerewe mu buryo butovugwa, canke kugambarara hanyuma bagatakaza urugero rwabo rwo hejuru hanyuma bakagwa mu kwigunga kutagira icizigiro.IY 12.4

    Abamarayika babwira Adamu na Eva ko umumarayika ashizwe hejuru ya bose, yakurikira Kristo mu gihagararo, yanse kwumvira ivyagwezwe Imana yari yashinze ngo bigenge ivyaremwe vyo mw'ijuru. Baravuze ko uwo mugararizo wateje intambara mw'ijuru, iyo nayo yatumye abagarariji birukanwa, kandi umumarayika wese yari yifatanije n'uwo yagiye imbere y'abandi mu gushira amahinyu k'ubutware bwa Yehova ahambaye yarirukanywe mw'ijuru. Uwo mumarayika yaguye yari yamaze gucika umwansi w'ikintu cose Imana n'Umwana wayo bafise nk'ivy'agaciro.IY 13.1

    Barabiganiye ko Satani yateguye kubagirira nabi, kandi ko vyari bikenewe kuri bo ko bamera magabo, kuko bashobora guhura n'uwo mwansi yaguye. Naho vyari uko kandi ntiyari gushobora kubagirira nabi mu gihe bakigamburukiye ivyagezwe vy'lmana, kuko bikenewe, umumarayika wose wo mw'ijuru yari kurungikwa avuye mw'ijuru kubafasha hako yogira ico abagira ico ari co cose. Mugabo ko bagambarariye ivyagezwe vy'lmana, Satani yari guca agira ububasha bwo kubagirira nabi, kubabuza amahoro, hamwe no kubateza ingorane uko ibihe bikurikirana. Mugabo bagumye bahagaze bashikamye ngo ntibatsindwe n'ivyo bagabishijweko vy'ikibi gikomoka kuri Satani, bari kuguma bafise umutekano nk'abamarayika bo mw'ijuru.IY 13.2

    Mugabo bahaye urwaho uwubagerageza, ya Mana nyene itarekeye mw'ijuru abamarayika bashizwe hejuru itazobirekera uko. Babwirizwa kwibonerako ingaruka z'ukugarariza kwabo, kuko ivyagezwe vy'lmana vyera nk'lmana ubwayo, kandi bigasaba ubugamburutsi n'umutima wose w'abari mw'ijuru no mw'isi.IY 13.3

    Abamarayika baragabishije Eva ngo ntaze atandukane n'umugabo wiwe mu gihe afise utumufatiriye mur'iryo tongo, kuko yari gushobora guhwana n'umwansi yaguye. Ko batandukanye, bazoba bari mukaga cane gusumba bari kumwe.IY 14.1

    Adamu na Eva baremeje abamarayika ko batazigera bagambararira itegeko ritomoye ry'lmana. Ko ahubwo ari umunezero wabo urengeye vyose gukora ivy'ubugombe bw'lmana busaba.IY 14.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents