Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane c'icumi na rimwe: Ubuhakanyi

    Yesu yahishuriye abigishwa biwe ayo Yerusalemu yari agiye kubona hamwe n'ibizoranga ukuza kwiwe, arongera kandi avuga bitaraba ibizoba kubantu biwe kuva igihe azoba yabavanywemwo kugeza agarutse mu bubasha n'ubwiza aje kubakiza. Ari ku musozi wa Elayono, Umukiza yabonye imipfunda iri mu kurwa kw'ishengero intumwa zari zigiye gushinga, hanyuma, aravye muri kazoza, amaso yiwe abona ingunza zasaze, kandi isambura yabwirizwa gusenyeranira kubamukurikira mu myaka yari imbere y'umwijima hamwe n'agahamo. Mu majambo make kandi aciriye hagufi, afise insiguro iteye ubwoba, avuga ingorane abakuru b'isi bazoteza ishengero ry’lmana. Abakurikiye Kristo babwirizwa kugenda baca muri ya nzira nyene yo guca bugufi, gucirwako iteka, hamwe no kubabazwa Umwigisha wabo yaciyemwo. Urwanko ruraduka rwo kurwanya Umucunguzi rwabwirizwa kuboneka kur'abo bose bizera izina ryiwe.IY 98.1

    Amateka y'ishengero rya mbere yashinze intahe ko amajambo y'Umukiza yari ay'ukuri kudakuka. Ubushobozi bw'isi na kuzimu bwarahagurukiye Kristo ubwiwe hamwe n'abamukurikiye. Ubupagani bwari bwabibonye kare ko nka hamwe ubutumwa bwiza buzotsinda, ingoro zabwo hamwe n'ibicaniro vyabwo bizokurwaho nk'ibikubuwe. Hanyuma bushira inkomezi zabwo zose ngo busambure Ubukristo. Imiriro y'agahamo iradomekwa. Abakristo baratswe ivyo bari batunze kandi bakurwa mu mazu yabo. “Bihanganira ibisinzikaza vy'indwano nyinshi” “bageragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bashirwa mu ngoyi no mu mabohero.” Abaheburayo 10:32, 11:36. Amasinzi menshi yashize ikodomesho kuntahe zabo bakoresheje amaraso. Abantu b'abanyacubahiro hamwe n'abagurano, abatunzi n'aboro, abize n'abo ata na kimwe bazi, nabo nyene barishwe co kimwe ata mbabazi.IY 98.2

    Utwigoro twa Satani two gusenyura ishengero rya Kristo biciye mu gikenye ntaco twashitseko. Intambara ihambaye iyo abigishwa ba Yesu bahevyemwo ubugingo bwabo ntiyaheze aho abantu b'abizigirwa b’intamuheba baguye kurugamba. Batsinze mukuneshwa. Abakozi b'lmana barishwe, mugabo igikorwa cayo carabandanije kija imbere. Ubutumwa bwarabandanije kwamamara, kandi igitigiri c'ababuhurumbiye kuragwira. Bwaranyengetereye mu burere butari bworoshe kwinjiramwo, mbere no gushika ku ngabo z'l Roma. Umukristo umwe agira umuhamagaro kubaganza b'abanyamahanga bari bagabirije mu gahamo ati: murashobora “kutwica, mukadutoteza, mukaducirako iteka... Akarenganyo kanyu n'ikimenyamenya ko tuzira ubusa... Mbere n'ububisha bwanyu ntibubafasha.” Bwabaye ubutumire buhambaye bwo kuzana abandi kwizera Abakristo. “Uko turushiriza gucacurwa namwe, niko turushiriza gukura; amaraso y'abakristo n'imbuto.”IY 98.3

    Ibihumbi n'ibihumbi vyarafunzwe kandi biricwa, ariko abandi baranaga bagasubira mu bibanza vyabo. Kandi abishwe kubwo kwizera kwabo bashikirijwe Kristo, hanyuma abaharura nk'abaneshi. Bari barwanye intambara nziza, kandi bari biteze kuronka igitsibo c'ubwiza aho Kristo azozira. Imibabaro bari barihanganiye yaregeranije Abakristo n'Umucunguzi wabo. Akarorero kabo hamwe n'intahe yabo yo kumpfiro vyama na ntaryo ari ivyabona vy'ukuri; kandi, aho vyari vyitezwe buhoro, ibikoresho vya Satani vyariko birava ku gikorwa ciwe hanyuma bikiyegurira kuba musi y'icapa ca Satani.IY 99.1

    Kwimikiranya n'ubupagani_Satani rero yaciye atunganya imigambi yo kurwanya no gutera anesha reta y'lmana, mu gushinga ibendera ryiwe mw'ishengero rya Kristo. Nka hamwe abakurikiye Kristo boshobora kuzimira hanyuma bagashika kukutanezerererwa Imana, hanyuma inkomezi zabo, n'ukwihangana kwabo, hamwe no gushikama kukananirwa, vyokworoha ko barwa mu mohe ya Satani.IY 99.2

    Umwansi rutura yaragerageje gutsinda biciye mu buhendanyi ivyo yananiwe gushikako biciye mu nguvu. Agahamo karahagaze, mu gishingo cako yagasubirije irari ry'ubutunzi riteye ubwoba hamwe n'icubahiro c'isi. Abasenga ibigirwamana bashikanywe kukwakira igice c'ukwizera rukristo, mu gihe banse ukundi kuri guhambaye. Bavuga ngo bemera Yesu nk'Umwana w'lmana no kwizera ivy'urupfu rwiwe hamwe n'ukuzuka kwiwe, mugabo ntibari banyuzwe ku caha maze ngo bumve ko bakeneye ukwihana canke guhinduka kw'umutima. Kubera kubona ibintu kwabo nk'ukwo, bashikirije iviyumviro ko Abakristo bakwiye kugira ivyo baheba, kugira ngo bose bifatanirize hamwe ku rubuga rw'ukwizera Kristo.IY 100.1

    Ico gihe rero ishengero ryari mukaga gateye ubwoba. Ibohero, agatotezo, umuriro, hamwe n'inkota vyari imigisha ugereranije n'ibi. Abakristo bamwe bahagaze bashikamye, bemanga ko batimikiranya n'ubupagani. Abandi baribaza ko bemeye canke bagahindura bimwe mu vyizerwa vyabo hanyuma bakifataniriza hamwe n'abemeye igice c'ubukristo, bushobora kuba uburyo bwo kubahindura vyuzuye. Ico cabaye igihe c'umubabaro muremure kubakurikiye Kristo b'intamuheba. Bifukishije ubukristo bwo kwigirisha, Satani kumayeri yinyegeteza ku buhinga mw'ishengero, kugira ngo yonone ukwizera no guhindukiza ubwenge bwabo abuvane kumajambo y'ukuri.IY 100.2

    Impera n'imperuka igitigiri kinini c'Abakristo baramanuye urugero rwabo hanyuma bagira urunani hagati y'ubukristo n'ubupagani. N'aho abasenga ibigirwamana bavuga ko bahindutse, kandi bakaba barifatanije n'ishengero, bari bacumiye kugusenga ibigirwamana, mu guhindura gusa ibikoreshwa mu gusenga azana ibishushanyo vya Yesu, hamwe mbere na Mariya hamwe n'abandi bagororotsi. Umwambiro mubi wo gusenga ibigirwamana, wariciriye inzira mw'ishengero, urabandanya igikorwa ciwe co gusambura. Inyigisho zitari iz'ukuri, imigirwa y'ibintazi, hamwe n'ibirori vyo gusenga ibigirwamana vyinjizwa mu kwizera hamwe no gusenga mw'ishengero. Uko abakurikiye Yesu bifatanya n'abasenga ibigirwamana, idini rya Kristo ryaciye rigira agahaze maze ishengero ritakaza ukuba iritavanze hamwe n'ubushobozi bwaryo. Mugabo n'aho vyari uko, hariho bamwe batazimijwe n'ubuzimire. Bagumye babumbatiye ukuba intamuheba kuri nyene Ukuri hanyuma bagasenga Imana yonyene.IY 100.3

    Hamye hariho imirwi ibiri mu bavuga ko bakurikira Kristo. Mu gihe abantu bari mu murwi umwe biga ubuzima bw'Umukiza hanyuma bakarondera gukosora amahinyu yabo hamwe no gusa n’icitegererezo, abari mu wundi murwi bizibiranya bakongera bakanka Ukuri kwuzuye kandi kwategerezwa mu baranga gushira ahabona amakosa yabo. Mbere no bihe vyaryo vyiza cane, ishengero ntiryigeze rigirwa gusa n'abantu b'abanyakuri, batanduye kandi b'intamuheba. Umukiza wacu yigishije ko abo baguma mu caha ku bushake badakwiye kwakirwa mw'ishengero. Yamara wenyene yarifatanije n'abantu b'ingeso mbi, kandi yarabahaye akarusho k'inyigisho hamwe n'akarorero vyiwe, kugira ngo abane akaryo ko kubona no gukosora amakosa yabo.IY 101.1

    Mugabo nta bwiyunge hagati y'Umwami w'umuco hamwe n'umukama w'umwijima, kandi ntihashobora kubaho ubumwe hagati y'ababakurikiye bose. Igihe Abakristo bumva ko bakwiye kwifatanya n'abo bari bahindutse vy'igice bava mu bupagani, batanguye kumanuka bava ku kuri batera bagenda. Satani yaranezerewe kubona yari yashoboye guhenda benshi cane mu bakurikiye Yesu. Maze azana ubushobozi bwiwe kuri kandi kurusha aho, abazanamwo guhama abagumye ari intamuheba ku Mana. Nta n'umwe yari gutahura neza cane kurugero nk'urwo uburyo bwo kurwanya ukwizera rukristo nk'abantu bigeze kuba aribo bakurwanira. Abo bakristo b'abahakanyi, bifatanije n'abo bagendana b'abapagani vy'igice, baciye berekeza urugamba rwabo ku bikomakomeye kurusha ibindi vy'inyigisho ya Kristo.IY 101.2

    Abagomvye kuba intamuheba babonye ko bikenewe guhagarara bashikamye bahanganye n'ibinyoma hamwe n'ibizira vyari vyinyegeje mu mwambaro wa gipadiri hanyuma bikinjira mw'ishengero. Bibiliya ntiyari icemewe nk'urufatiro rwo kwizera. Inyigisho y'umwidegemvyo wo kwemera waciye witwa ubuhakanyi, hanyuma abari bayishigikiye baranswe bacirwako iteka.IY 102.1

    Gutandukana birakenewe_Inyuma y’ikiringo kinini kandi kibi c'intambara, abo b'intamuheba bake bahisemwo kwitandukanya n'ibintu vyose bibahuza n'iryo shengero ryahakanye nimba ricanka kwiyambura ububeshi n'ugusenga ibigirwamana. Babonye ko gutandukana vyari ntagisivya nimba bakeneye kugamburukira ijambo ry'lmana. Ntibubahuka gusasirako amakosa y'agacamutwe ku mitima yabo hanyuma bashireho urugero rwoshira ahamanuka ukwizera kw'abana babo hamwe n'abana b'abana babo. Kugira ngo amahoro n'ubumwe babigumane, bari biteze guheba ikintu icari co cose gihwanye no kuguma ari abanyakuri k'Uhoraho, mugabo bumva ko n'amahoro azoba azimvye rwose nka hamwe vyosaba guheba ingingo ngenderwako. Nkako nimba amahoro ashobora kuza biciye mu kwimikiranya n'ubupagani kw'ukuri n'ubugororotsi, harakabaho itandukaniro, mbere n'intambara. Vyoba vyiza kw'ishengero n'isi nka hamwe ingingo ngenderwako zatera abo bantu bari bashimitse ku kwizera gukora nk'uko bakora zari zivyuwe mu mitima y'abantu bavuga ko ari ab'lmana.IY 102.2

    Intumwa Pawulo avuga ko “abipfuza kubaho ubuzima bwo muri Kristo Yesu bazohamwa.” 2 ab'l korinto 3:12. None ni kuki , ko kurugero runini agahamo gasa n'agahunikiye? Impamvu imwe yonyene n'uko ishengero ryishushanije n'ingendo y'isi, gurtyo rero isi nta kurwanya ntabwo ritanvanze kandi ribe irifise kamere yera vyaranga ukwizera kw'Abakristo bo mu gihe ca Kristo n'intumwa ziwe. N'ukubera gusa kubera agatima ko kwimikiranya n'icaha, kubera ko Ukuri guhambaye kw'ljambo ry'lmana kurabwa nk'ico imbwa ihaze, kubera ko hari ukurondera Imana guke cane gushimitse, kubera ko ubukristo busa n'aho bumenyerewe n'isi. Nihabeho ikanguro ry'ukwizera hamwe n'ubushobozi bwo mw'ishengero rya kera, hanyuma impwemu y'agahamo izoca ivyuka mbere n'imbeya z'agahamo bisubire bidomekwe.IY 102.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents