Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ugucungurwa Kwabera

    Hari mw'ijoro mu gicugu igihe Imana yahitamwo gucungura abantu bayo. Mu gihe abanyakibi bariko barabatwenga, ubwo nyene bukwi na bukwi, izuba riraseruka, ryaka mu nkomezi zaryo zose, maze ukwezi kurahagarara. Abanyakibi baraba ibiriko biraba batangaye, mu gihe mu munezero ntangere abera babona ikimenyamenya ca mbere c'ugucungurwa kwabo. Ibimenyetso n'ibitangaza birakurikirana vuba na vuba. Ikintu cose casa n'ikitakigenda nk'uko cari gisanzwe. Imigezi ihagarika gutemba. Ibicu vyiraburaniwe, biremereye biraza birasekana. Mugabo hari ikibanza kimwe gitomoye, hanyuma muri co haza ijwi ry'lmana nk'amkazi menshi, ivyo binyiganyiza ijuru n'isi. Haba nyamugigima ihambaye. Imva ziruguruka, abari barapfuye bari musi y'ubutumwa bwa marayika wa gatatu, bubahiriza Isabato, bava mu buriri bwabo bw'ivu bafise imibiri idashobora gupfa, ngo bumve isezerano ry'amahoro Imana yari kugirana n'abitondeye Ivyagezwe cumi.IY 121.2

    Ijuru riruguruka maze rirugarika kandi ryari mu muvurungano. Imisozi iranyiganyiga nk’irenga mu muyaga hamwe n'ibitandara vyononekaye bihakikuje. Ikiyaga kiratogota nk'inkono hanyuma biterera ibibuye kw'isi. Kandi uko Imana yahereza isezerano ry'ibihe vyose abantu bayo, avuga iryungane rimwe, hanyuma iranuma, mu bihe amajambo yariko arakwiragira kw’isi. isirayeli y'lmana ihagarara amaso yabo araba hejuru, bumviriza amajambo uko yava mu kanwa ka Yehova hanyuma agakwira kw'isi nk'inyerere z'imituragaro w'urwamo rwinshi. Vyari biteye ubwoba mu buryo budasanzwe. Ku mpera ry'iryungane ryose abera barasemerera bati, “Ubwiza! Haleluya!” Mu maso habo harakayangana n'ubwiza bw'lmana, hakaka n'ubwiza nko mu maso ha Mose igihe yava ku musozi Sinayi. Abanyakibi ntibashobora kubahanga amaso kubw'ubwiza. Maze Imana yatura umugisha utagira Iherezo ku bantu bayihaye icubahiro mu kwubahiriza Isabato nk'iyera, bavugira bose hamwe n'ijwi rirenga n'intsinzi ku gikoko n'igishushanyo cayo.IY 122.1

    Ukuza kwa kabiri kwa Kristo_ Vuba haca haboneka igicu cera, ico Umwana w'umuntu yicayeko. Ubwa mbere kikiri kure, ico gicu casa n'aho ari gito cane. Uko cagera kw'isi, umuntu wese yarashobora kubona ubwiza butagira agahonzi hamwe n'ubutore bwa Yesu uko yatera yegereza kunesha. Umurwi w'abamarayika bera bafise ibitsibo bikayangayana kumitwe yabo bamuherekeje.IY 122.2

    Nta rurimi rushobora kwigana ubwiza bw'ivyo bintu. Ico gicu kizima c'ubwiza kandi gifise ubwiza butorenganwa kiguma cegereza, ca kindi wa muntu w'igikundiro Yesu, atambaye igitsibo c'amahwa, mugabo yambaye igitsibo c'ubwiza mu ruhanga. Kw'ikanzu yiwe hamwe no kukibero ciwe handitswe izina ryanditsweko, Umwami w'abami, Umutware w'abatware (Ivyahishuwe 19:16). Mu maso hiwe harakayangana nk'ugukayangana kwo mu mashoka, mu maso hiwe hasa n’ibirimi vy'umuriro, kandi ibirenge vyiwe vyasa n'umuringa mwiza (Ivyahishuwe 1:14-16). Ijwi ryiwe ryumvikana nk'ivyuma vy'umuziki. Isi itigita imbere yiwe, ijuru rivanwaho nk'umuzingo w'igitabo kizinzwe, kandi umusozi wose n'ibizinga bivanwa ahantu havyo. “Abami bo mw'isi n'abaganwa n'abakuru b'abagabisha b'abasoda n'abatunzi n'abanyenkomezi n'abagurano bose n'abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi; babarira imisozi n'ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z'lvyagiye kuri irya ntebe n'uburake bw'Umwagazi w'lntama.” Ivyahishuwe 6:15-17.IY 122.3

    Abo bose igihe gito imbere y'aho bari kurimbura abana b'lmana bakabavana kw'isi bariboneye ubwiza bw'lmana bubariko. Kandi hagati mu bwoba bwabo bumvise amajwi y'abera aririmbana umunezero, bavuga bati, “Eh'iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, nay o iradukiza.” Yesaya 25:9.IY 123.1

    Umuzuko wa mbere_Isi iratigita mu buryo bukomeye mu gihe ijwi ry'Umwana w’lmana ryahamagara abera basinziririye mu mva zabo. Bitaba uwo muhamagaro maze barazuka bambaye ukudapfa kw'ubwiza, basemerera bati, “Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?” (Raba 1 ab'l Korinto 15:55). Hanyuma abagororotsi bazoba bakiriho hamwe n'abazutse bashira amajwi mare mare yabo hejuru mw'ijwi ry'intsinzi. Imibiri izoba yamanutse mu mva ifise ibisigarira vy'umurwayi hamwe n'urupfu iduga idafise ifise amagara Atari busubire gupfa hamwe n'ubukomezi. Abagororotsi bazoba bakiriho bazohindurwa mu kanya gato, mu kanya nk'ako gukubita urugohe, maze bateruranwa n'abakiriho, bari kumwe guhwana n'Uhoraho mu kirere. Mbega umusi mwiza wo guhura kw'ubwiza! Abagenzi urupfu ruzoba rwaratandukanije barabonana, ubutagisubira gutandukana ukundi.IY 123.2

    Ku mpande zose z'imikogote hari amababa, kandi no musi hari amakurudumu yaka. Maze abera bari muri ca gicu basemerera bati, “Ubwiza! Haleluya!” Maze ya mikogote iraduga ija mu gisagara cera. Imbere yo kwinjira ico gisagara, abagororotsi batondekwa mw'ikwadarato nziza, Yesu nawe ari hagati yabo. Ahagaze umutwe n'ibitugu vyarengera abagororotsi hamwe n'abamarayika. Bose muri iyo kwadarato barashobora kubona ishusho yiwe y'ijunja no mu maso hiwe h'igikundiro.IY 124.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents