Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca cumi na kane: Urwasomwe

    Ikimpumbi

    Kw'isi, abanyakibi bishwe, imibiri yabo yapfuye iryamye kuri yo. Uburake bw'lmana mu vyago indwi vyarashitse ku baba kw'isi, bibatere guhekenya indimi zabo no gutuka Imana. Inyuma y'ugucungurwa kw'abagororotsi n'ijwi ry'lmana, amasinzi y'abanyakibi barasubiranamwo batanako ibirake. Isi yasa n'aho n'iyarengewe n'umwuzure w'amaraso, kandi ibiziga vyava ku mpera imwe bigashika ku yindi.IY 126.1

    Isi yasa n'ubugaragwa bw'ubweranyange. Imiji n'ibisagara, vyatigitishijwe na nyamugigima, yegeranijwe nk'ikirundo. Imisozi yakuwe ahantu hayo, ivyo navyo bigasiga ibimanga binini binini. Ibitandara vyabozaguwe n'ikiyaga, vyatabutse vyomorotse kw'isi ubwayo, vyatawe kw'isi n'ikiyaga, bitererwa hirya no hino. Aho niho hazoba kwa Satani imyaka igihumbi. Aho niho azoboherwa, kugira ngo ayerere aduga yongera amanuka kubutaka bw'isi hanyuma abone ingaruka z'umugararizo wiwe kuvyagezwe vy'Uhoraho. Imyaka igihumbi azoshobora kwibonera ivyamwa vy'umuvumo yateje.IY 126.2

    Abohewe kw'isi wenyene, ntazoronka akarusho ko kuja ku yandi masi, kugira ngo agerageze abataguye. Mur'ico gihe Satani azogira umubabaro uhanitse. Kuva ku kurwa kwiwe ibimuranga vya kamere yiwe mbi bizoba vyama bihora bikoreshwa na ntaryo. Mugabo muri iyo myaka igihumbi azokwimwa ubushobozi bwiwe hanyuma asigwe wenyene kugira ngo yiyumvire uruhara yagize kuva akirwa, no kugira ngo yitegerezanye uguhinda umushitsi hamwe n'ubwoba kazoza gateye ubwoba igihe abwirizwa kuzobabazwa kubw'ibibi vyose yakoze no guhanzwa kubw'ivyaha vyose yateje.IY 126.3

    Mu bamarayika n'abagororotsi bacunguwe hazanana amajwi y'intsinzi nk'ay'ivyuma ibihumbi cumi, kuko Satani atazosubira kubateza umutima uhagaze no kubagerageza kandi no kubera ababa mu yandi masi barokowe aho atazongera kubegera hamwe n’ibigeragezo vyiwe.IY 126.4

    Yesu hamwe n'abagororotsi bacunguwe bicara ku ntebe z'ubwami, kandi abera baganza nk'abami n'abaherezi b'lmana. Kristo, ari kumwe n'abantu biwe, bacira urubanza abanyakibi bapfuye, bagereranya ibikorwa vyabo n'lgitabo c'Amategeko Nshingiro, Ijambo ry'lmana, hanyuma bagaca urubanza rwose hisunzwe ibikorwa vy'umuntu wese akiri mumubiri. (Raba Ivyahishuwe 20:4-6.) hanyuma bahereza abanyakibi umugabane babwirizwa kubona, hisunzwe ibikorwa vyabo, maze birandikwa kw'izina ryose mu gitabu c'urupfu. Yesu n'abagororotsi nabo bazocirwa urubanza na satani hamwe n'abamarayika biwe. Igihano ca Satani kizoba kinini rwose gusumba abo azoba yarazimije. Umubabaro wiwe uzosumba kure n'iyo uwabo kuburyo botonagereranywa. Kuka nkakwo abo yazimije barimbutse, Satani abwirizwa kubaho ikindi gihe no kubabazwa cane.IY 127.1

    Inyuma y'urubanza abanyakibi bapfuye rurahera, mu mpera yay a myaka igihumbi, Yesu ava muri ca gisagara, hanyuma abagororotsi hamwe n'isinzi ry'abamarayika baramukurikira. Yesu aramanuka kumusozi munini, agishikanako ibirenge, utasadukamwo kubiri hanyuma ucika ikiyaya kinini. Hanyuma ca gisagara kinini kandi ciza, gifise amatanguriro cumi n'abiri hamwe n'aamarembo cumi n'abiri, atatu atatu ku ruhande rwose, hanyuma umumarayika ari kw'irembo ryose, yaboneka hejuru. Abacunguwe bashira ijwi hejuru bati, “Ca gisagara! Ca gisagara! Kiriko kiramanuka kivuye ku Mana mw'ijuru!” Maze kiramanuka mubwiza bwaco bwose bw'akaburarugero hamwe n'ubwiza bukayangana, maze cicara muri ca kiyaya Yesu yagiteguriye.IY 127.2

    Umuzuko wa kabiri_Hanyuma Yesu hamwe nay a masinzi y'abamarayika bera hamwe n'abacunguwe bose bava muri ca gisagara. Abo bamarayika bazunguruka Umugabisha wabo hanyuma baramukurikira, urugendo rw'abacunguwe rurakurikira. Hanyuma, mu bukuru buteye ubwoba, Yesu ahamagara abanyakibi bapfuye kugira ngo bazuke. Barazuka bagifise imibiri ya magoyagi, irwaye bajanye mu mva. Mbega ibintu! Abari mu mumuzuko wa mbere bazukanye ugukayangana kurimwo kudapfa, mugabo mu muzuko wa kabiri ibimenyetso vy'umuzuko biraboneka kuri bose. Abami bo kw'isi hamwe n'abubahwa bo kw'isi, abakene n'abaciye bugufi, abize n'abatize, bava mumva bose bari kumwe. Bose babona Umwana w'umuntu. Ba bantu nyen bakengereye bagashinyagurira Yesu, bamushize urugori rw'amahwa kuruhanga rwiwe rwera hanyuma bakamukubitisha irenga, bamubona yambaye ijunja ryiwe nk'Umwami. Abo bamuciriye amate mu maso igihe yariko arageragezwa ubu rero birabahindukanye ariko arababana ijisho riraba rigera kure n'ubwiza bwo mu nyonga hiwe. Abamuteye imisumari mu biganza no mu birenge ubu rero bariko bararaba inkovu z'ukubambwa kwiwe. Abamuteye icumu mu rubavu babona ibimenyetso vy'ububisha bwabo kumubiri wiwe. Kandi barazi ko ari wa wundi nyene babamvye bakongera bagatonagura ariko arababazwa kumpfiro. Hanyuma haca humvikana ugucura intimba kurekure, barira, bahunga ngo binyegeze Umwami w'abami n'Umutware w'abatware.IY 127.3

    Bose bariko barondera kwinyegeza mu bitandara, binyegeza ubwiza buteye ubwoba bw'uwo bigeze gukengera. Kandi, kubwo kurengerwa kandi bababaye kubw'ijunja ryiwe hamwe n'ubwiza buhambaye, bashirira hamwe amajwi hejuru, mu buryo bwumvikana bati, “Hashemezwe uwuze mw'izina ry'Uhoraho!”IY 128.1

    Maze Yesu hamwe n'abamarayika bera, hamwe n'abagororotsi bose, basubira muri ca gisagara, hanyuma induru zuzuye umururazi no gucura intimba bizanana muri babanyakibi bikwira ikirere. Maze Satani arasubira atangura igikorwa ciwe. Aragenda mubiwe hanyuma atuma abanyentege nke na ba magoyagi bakomera, ababwira ko we n'abamarayika biwe bakomeye. Abereka ya mamiriyoni atoharurika yazuwe. Hari abarwanyi b'abanyenkomezi hamwe n'abami bari bafise ubuhinga mu ntambara kandi banesheje ubwami n'ubundi. Hariho ibigatanya hamwe n'abantu b'inshirukanya batigeze batsindwa mu rugamba na rumwe. Hari na Napolewo, umwe w'umunyabwishime, w'umunyerari, uwo nawe ivyiyumviro vyiwe bikaba vyarateye isi guhinda agashitsi. Abantu b'ijunja kandi bahawe icubahiro niho bari, bari baraguye kurubuga rw'intambara bafise inyota yo kunesha.IY 128.2

    Uko bava mu mva zabo, baciye batangurira imigabo yabo aho yahagarariye igihe bapfa. Baracafise bwa bushake nyene bwo kunesha ababatsinze ingene bananiwe. Satani aja inama n'abamarayika biwe hamwe n'abami n'abarwanyi hamwe n'abanyenkomezi. Hanyuma araba ico gisirikare kinini aca arababwira ko umurwi uri muri ca gisagara ari muto kandi ata nkomezi ugira, kandi ko bahobora kuduga bakawifatira, hanyuma bace basohora abakibamwo, hanyuma bace basahura ubutunzi hamwe n'ubwiza bicike ivyabo.IY 129.1

    Satani aratsinda mu kubahenda, maze ubwo nyene bose baca batangura kwitegurira intambara. Hariho abahinga benshi muri ico gisirikare kinini, hanyuma bubaka ubwoko bwose bw'ishirwamungiro ry'intambara. Hanyuma bari kumwe na Satani imbere yabo, ya masinzi aja imbere. Abami n'abarwanyi bakurikirira hafi Satani, hanyuma barigabura mu mirwi. Umurwi wose ukaba ufise uwuwurongoye, kandi mu buryo burimwo urutonde batambuke baca hejuru ya yasi yasenyaguritse bagana aho ca gisagara cera kiri. Yesu yugara imiryango y'ico gisagara, hanyuma abasirikare b'ico gisagara baragikikuza hanyuma bahagarara biteze kugaba ibitero, biteze intambara idasanzwe.IY 129.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents