Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca kane: Umuti

    Umubabaro waruzuye ijuru, igihe bose babona ko umuntu atakaye kandi isi Imana yaremye yuzuye abantu bapfa baraririwe n'ubutindi, uburwayi n'urupfu, atasaganirizo ryo gucika umwansi. Umuryango wa Adamu wosevyari itegeko ngo upfe.IY 21.1

    Yesu nawe ni kwo kumenyesha ingabo zo mw'ijuru ko icanzo cakorewe umuntu gihari. Ababwira ko yamye yinginga Se kandi ko yatanze ubugingo bwiwe nk'ikimazi. Ko agiye kuzemera gucirwa urubanza rwo gupfa rukaba kuri we, kugira ngo biciye muri we ibiremwa bantu bihabwe ikigongwe. Biciye muco amaraso yiwe ashoboye, hamwe no kugamburukira amategeko y'lmana, bashobore kuronka ugutoneshwa n'lmana maze bazanwe mur'iryo tongo rya Edeni hanyuma basubire barye kugiti c'ubugingo. Yesu yugururira imbere yabo umugambi w'agakiza. Ababwira ko azohagarara hagati y'ishavu ryinshi rya Data hamwe n'abantu bacumuye, kandi ko aziremeka ibigabitanyo hamwe no kurakirwa, kandi ko bake gusa aribo bazomwakira nk'Umwana w'lmana. Hafi bose bazomwanka bakamwiyamiriza. Ko azosiga icubahiro ciwe cose mw'ijuru, akaboneka kw'isi nk'umuntu, akicisha bugufi, kugira nk'umuntu, amenye biciye mu buzima azobaho ukugeragezwa abantu baronka, kugira ngo amenye uko akwiye gufasha abageragezwa. Hanyuma, inyuma y'igikorwa ciwe nk'umwigisha kizorangirira, akwiye gushirwa mu biganza bibi hamwe no kwibonerako hafi ububisha bwose hamwe n'umubabaro wose Satani hamwe n'abamarayika bazoshobora guteza abantu b'abanyakibi. Agapfa urupfu rubi gusumba izindi mpfu zose, akamanikwa hagati y'amajuru n'isi nk'umubisha w'umunyavyaha hamwe n'umubabaro w'amasaha ateye ubwoba no kuba ku mpfiro ivyo n'abamarayika batohanga amaso, ahubwo bazohisha amaso yabo ngo ntibabibone. S'umubabaro usanzwe w'umubiri, ahubwo n'umubabaro wo mu bwenge, udashobora kuronka ingene wowugereranya n'ubundi bubabare bw’umubiri. Uburemere bw'ivyaha vy'isi yose buzoba kuri we. Arababwira ko azopfa hanyuma azuke k’umusi ugira gatatu, hanyuma akaduga akaja kwa Se kugira ngo avuganire ibiremwa bantu b'intumva kandi b'abatsindwa.IY 21.2

    Inzira imwe rudende ishoboka y'agakiza- abamarayika baramwunamiye. Batanga ubuzima bwabo. Yesu arababwira ko kubw'urupfu rwiwe azokiza benshi, ariko ko urupfu rw'umumarayika rudashobora kugira umwenda rwishura. Ubugingo bwiwe gusa nibwo Se yari kwemera nk'impongano y'umuntu. Inyuma ya vyose, abo yacunguye bazobana nawe, kandi kubw'urupfu rwiwe azocungura benshi maze arimbure Satani, uwo nawe akaba afise ububasha ku rupfu. Hanyuma Se akamuha ubwami hamwe n'ubukuru bw'ubwami buganzwa n'ijuru, akabwakira ibihe n'ibihe. Satani hamwe n'abanyavyaha bakarimburwa, kugira ngo ntibaze basubire kubuza mahoro ijuru canke isi nshasha yatunganijwe.IY 22.1

    Mugabo ahereza abamarayika igikorwa cabo, kuduga no kumanuka bafise ubufasha butera inkomezi buvuye mu bwiza bwo gutezurira Umwana w'lmana hamwe no kurinda abiwe b'ubuntu ngo abamarayika babi hamwe n'umwijima Satani aguma atera hirya no hino yabo. Ntivyari gushobokera Imana gutezura canke guhindura ivyagezwe vyayo ngo ikize abazimiye, abanyavyaha bagiye kurimbuka. Gurtyo rero, yeremeye Umwana wayo arapfa azira ibigabitanyo vyabo.IY 22.2

    Satani yaranezerewe hamwe n'abamarayika biwe kubona ko mu guteza kurwa k'umuntu yari agiye gushobora guhanura Umwana w'lmana akamukura kw'ijunja ryiwe riri hejuru. Abwira abamarayika ko Yesu niyambara kamere y'umuntu yaguye azoshobora kumurusha ububasha maze agaca abuza umugambi w'agakiza gushika ku ntumbero.IY 22.3

    wovugwa Adamu na Eva bava mw'itongo ry'igikundiro aho bari bibereyeho mu munezero kugeza igihe bagarariza itegeko ry'lmana. Icuka kirahinduka. Ntivyari ibintu bidahindagurika, nk'uko vyari imbere y'icaha cabo. Imana yabambitse urukoba rw'ibikoko kugira ngo ibakingire igikonyozi hamwe n'ubushuhe bari bahanganye navyo.IY 23.1

    Itegeko ridahinduka ry’lmana-ljuru ryose ryaragandaye kubw'umugararizo hamwe n'ukurwa vya Adamu na Eva ivyo navyo bikaba vyazanye uburake bw'lmana ku bantu bose. Baciye bacibwa k’ukwama barabonana imbonankubone n'lmana maze basukwa mubutindi butagira ivyizigiro.IY 23.2

    Itegeko rya Yehova, umushinge w'intwaro yiwe mw'ijuru no kw'isi, ryari iryera nk'lmana ubwayo, kandi kubw'iyo mpamvu Imana ntiyari kwemera ubugingo bw'umumarayika nk'ikimazi gitewe no kuryica. Amategeko yiwe arahambaye mu maso hayo kurusha abamarayika n'intebe yayo y'ubwami. Data ntiyari kuvanaho canke guhindura ingingo n'imwe yo mu vyagezwe vyayo kugira ngo ihwane n'abantu mu kurwa kwabo. Mugabo Umwana w'lmana, uwo nawe ari kumwe na Data bari bararemye abo bantu, niwe yashobora kuba impongano yemerwa n'lmana, mu gutanga ubugingo bwiwe nk'ikimazi no gushobora kwihanganira uburake bwa Data. Abamarayika bamenyesha Adamu ko, kubera ko icaha ciwe cazanye urupfu hamwe n'ububi, ikimazi ca Yesu Kristo arico kizozana ubugingo hamwe n'ukudapfa mu muco.IY 23.3

    Kubona kazoza-lmana yahishuriye ibihe bihambaye vya kazoza Adamu, ihereye ku kwirukanwa kwiwe gushika ku mwuzure, no gushika imbere gushikana kukuza kwa mbere kwa Kristo kw'isi. Urukundo rwayo kuri Adamu hamwe n'uruvyaro rwiwe rwari rugiye gutera ko Umwana w'lmana amanuka kugira ngo yabire imero y'umuntu, gurtyo rero, biciye mu kwisiga ubusa, ashire hejuru abazomwizera bose. Ikimazi nk'ico kikagira agaciro gahagije ko gukiza isi yose. Mugabo ko bake gusa aribo bazemera Agakiza bazaniwe biciye mu kimazi gitangaje kur'urwo rugero. Igitigiri kinini batazemera guhuza n'ibisabwa kuri bo kugira ngo bakire Agakiza kiwe gahambaye. Bahitemwo icaha no kugarariza ivyagezwe vy'lmana mu gishingo co kwihana no kugamburuka, mu kwisunga ukwizera ivyo ico kimazi catanze. Iki kimazi cari ic'agaciro katagira aho kagarukira ku buryo gishoboye gutuma uwuzocemera wese aba uw'agaciro gusumba inzahabu yakuweko inkamba.IY 23.4

    Ishikanwa ry'inkuka-Aho Adamu yatanga ikimazi c'icaha ahabe uburongozi budasanzwe bw'lmana, vyari ibirori biteye umubabaro gusumba ibindi vyose kuri we. Ikiganza ciwe vyari ngombwa ngo cake ubugingo ikiremwa, kandi Imana yonyene ariyo ishoboye gutanga ubugingo, hanyuma agatanga inkuka y'icaha. Bwari bubaye ubwa mbere abona urupfu. Ariko araraba ukuvirirana kw'igikoko yacumise, kiriko gisambagirika kiri ku mpfiro, vyari ngombwa ko arangamiza mukwizera Umwana w'lmana, uwo nawe akaba ari we ico gikoko kigereranya, kuko yabwirizwa gupfa nk'ikimazi c'abantu.IY 24.1

    lyo nkuka yatangwa nk'ishikanwa, Imana yari ishizeho, yari igiye kuba ikimazi camaho cibutsa Adamu ikosa ryiwe hamwe no kwihana yemanga icaha ciwe. Iki gikorwa co kwaka ubuzima ikiremwa cahaye Adamu ugutahura kwimbitse kandi gutomoye kw'umugararizo wiwe, ukwo nakwo kukaba ata kindi kwari Atari urupfu rw'Umwana w'lmana kugira ngo guhanagurwe. Yaratangajwe n'ubwiza hamwe n'urukundo rutoronka ico rugereranywa vyashoboye gutanga impongano nk'iyo yo gucungura umunyavyaha. Mu gihe Adamu yariko arica igikoko kitagira ico cagirizwa, vyasa n'aho kuri we yariko arasesa amaraso y'Umwana w'lmana akoresheje ikiganza ciwe bwite. Aca amenya ko iyo aza kuguma ari intamuheba ku Mana hamwe n'ivyagezwe vyayo, ntihari kwigera haba urupfu rw'ibikoko canke abantu. Yamara n'aho vyari uko, mu rutonde rwo gutanga ibimazi, urwo narwo rukaba rwerekeza ku kimazi kitagira agahonzi kandi gihambaye c'Umwana w'lmana bwite, harabonetse inyenyeri y'ivyizigiro yo kuzana umuco kuri kazoza karimwo umwijima kandi kabi, ivyo navyo bigatezura ukutagiramwo ivyizigiro kwako no kuba kazoza karimwo ivyasambutse gusa.IY 24.2

    Mu ntango umutwe wese w'umuryango wose yafatwa nk'umurongozi hamwe n'umuherezi w'urugo rwiwe. Inyuma y'aho, uko abantu bagwira kw'isi, abantu bagenywe n'ijuru barakora ico gikorwa co gutanga inkuka kubw'abantu. Ubwenge bw'abanyavyaha bwabwirizwa guhuza amaraso y’ivyo bikoko n'amaraso y'Umwana w'lmana. Urupfu rw'igikoko ata na kimwe kicagira rwari urwo gushinga intahe ko ingero y'icaha ari urupfu. Biciye mu gikorwa co gutanga ikimazi, abanyavyaha baba bemanze icagiriji cabo hanyuma bakerekana ukwizera kwabo, biteze kuzobona ikimazi gihambaye kandi kitagira amahinyu c'Umwana w'lmana, ico naco kikaba arico ibikoko vyicwa vyagenekerezako. Hatabayeho guhongerwa n'Umwana w'lmana ntihashobora kubaho guhabwa umugisha canke Agakiza biva ku Mana bihabwa abanyavyaha. Imana ntamukino yarimwo kuvyo gushira hejuru iteka ry'ivyagezwe vyayo. Ukugarariza ivyagezwe kwazanye ugutandukana guteye ubwoba hagati y'lmana n'umuntu. Imana yemeye ko Adamu ataramenya ikibi ahura n'Umuremyi wiwe imbonankubone, mu mwidegemvyo kandi mu munezro. Inyuma y'umugararizo wiwe, Imana yari igiye kuvugana n'abantu iciye kuri Kristo n'abamarayika bayo.IY 25.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents