Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyakozwe N'intumwa

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 49: Ikete Rya Nyuma Rya Paulo

    Iki Kigabane Gishitnikiye kw'Ikete rya Kabiri Ryandikiwe Timoteyo

    Avuye mu kibanza ca sentare ya Kayisari, Paulo asubira mu kumba kiwe, azi neza ko ata kindi yungutse kiretse agahengwe k'akanya gato. Yari azi ko abansi biwe batazohumeka batararonka agatwe kiwe. Ariko kandi yari azi ko ukuri kwari kwatsinze mu mwanya muto. Kubona yaramamaje Umukiza yapfuye kandi akazuka imbere y'iryo sinzi ry'abantu bamwumvirije, ico conyene yari intsinzi. Uwo musi igikorwa cari catanguye, igikorwa kizokura kandi kigakomera, mbere igikorwa Nero n'abansi bose ba Kristo bazoruhira ubusa bagerageza kukirwanya canke kugisenyura.Yicara umusi ku wundi muri ako kumba muzirazuba, azi ko Nero avuze rimwe gusa ubuzima bwiwe bwoba butanzwe, Paulo yibuka Timoteyo kandi afata ingingo yo kumutumako. Timoteyo yari yashinzwe kuyobora ishengero ry'i Efeso, kandi kubera ivyo yari yasigaye inyuma igihe Paulo yafata urugendo rwiwe rwa nyuma atumbera i Roma. Paulo na Timoteyo bari bafatanijwe n'ubumwe bw'urukundo rwimbitse kandi rukomeye. Uhereye igihe yakira Kristo, Timoteyo yari yasangiye na Paulo ibikorwa vyiwe n'imibabaro yiwe, kandi ubucuti bwabo bwakomeje kwiyongera, bukomera kandi bwuzura ubweranda, gushika aho ivyo umwana yokorera se wiwe akunda cane kandi yubaha Timoteyo yabikoreye iyo ntumwa yashitse mu zabukuru kandi yaruhijwe n'ibikorwa. Nti bitangaje rero kubona Paulo yifuza kumubona mu gihe c'irungu.IN 260.1

    Haciye amezi menshi atarimwo ingorane imbere y'uko Timoteyo ashika muri Asiya ya Hafi. Paulo yari azi ko ubuzima bwiwe buri mu mayirabiri, kandi yatinya ko Timoteyo yohava ashika acerewe ntamubone. Yari afitiye impanuro n'inyigisho zikomeye uwo musore, yari yashinzwe amabanga ahambaye; kandi ubwo yamusaba ngo aze adatevye, yabwiye umwanditsi ngo yandike iki gishingantahe c'amajambo yo kuraga, ayo atashobora kwihanganira no kwigumizamwo. Umutima wiwe wuzuye urukundo ku bwo uwo mwana wiwe yavyaje ubutumwa bwiza no ku bwo ishengero arongoye, Paulo yifuza kwereka Timoteyo akamaro ko kuba umwizigirwa kw'ibanga ryeranda yabikijwe.IN 260.2

    Paulo yatanguje ikete ryiwe n'iyi ndamutso: «Kuri Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n'imbabazi n'amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu. Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimwo ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasiba, uko nsenze, ijoro n'umurango.»Iyo ntumwa rero iherako yereka Timoteyo ko bikenewe gushikama mu kwizera. Yanditse ngo, «Ni co gituma nkwibutsa gufurura ingabire y'Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo jno kurambikwako ibiganza vyanje. Kuko Imana itaduhaye umutima w'ubujora: ariko yaduhaye uw'ubushobozi n'urukundo n'ukwirinda. Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, canke izanje imbohe yiwe. Ariko ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubw’ ubutumwa bwiza, nkuk’ ubushobozi bw'Imana bugushoboza.» Paulo yinginze Timoteyo kutibagira ko yahamagawe «n'umuhamagaro wera» ngo yamamaze ubushobozi «bw’ uwahinduye urupfu ubusa, ubugingo no kutagipfa akabiserurisha ubutumwa Bwizafubwo butumwa bwiza,» ni ko avuga, «Nabushiriweho’ kuba umuvuzi wabwo n'intumwa n'umwigisha w'abanyamahanga. Ni co gituma kandi mbabazwa ntya: yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi’ ntakekerariya yukw'ashobora kuzigama ikibitsanyo ciza namubikije gushitsa kuri wa musi.»IN 260.3

    Mu gihe ciwe kirekire yamaze mu bikorwa, Paulo ntiyigeze ahemukira Umukiza wiwe. Aho yaba ari hose-haba imbere y'Abafarisayo buzuye umujinya, canke imbere y'abategetsi b'Abaroma; imbere y'abanyagihugu bashangashiwe b'i Lusitira, canke imbere y'abanyavyaha bo mw'ibohero ry'i Makedoniya banyuzwe n'inyigisho ziwe; canke aharira n'abasozi ba bwa bwato bwagira isanganya bari bagize ubwoba, canke ahagaze wenyene imbere ya Nero yiregura ngo akize agatwe-ntiyigeze akorwa n'isoni z'igikorwa yariko arashingira intahe. Intumbero nyamukuru y'ubuzima bwiwe Rukristo yari ugukorera uwo izina ryiwe ryahoze rimutera iseseme; kandi ku bwo iyo ntumbero nta mwansi canke agahamo kari kashoboye kumutesha inzira. Ukwizera kwiwe, kwakomejwe n'ibimurwanya, kandi kwezwa n'ukwitanga, kwamushize hejuru kandi kuramukomeza. Paulo arabandanya ati, «Weho, mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu, kandi ivyo wanyumvanye mu maso y'ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n'abandi. Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk'uko bikwiye umusoda mwiza wa kristo Yesu.»IN 261.1

    Umukozi w'ukuri w'Imana, ntazozibukira imiruho canke amabanga ajejwe. Mw'Isoko ritigera rihemukira abaronderana ukuri ubushobozi bw'Imana, avomamwo inkomezi zimufasha kurwana kandi akanesha ikigeragezo, no gukora ibikorwa Imana yamujeje. Kamere y'ubuntu aronka, bwagura ubushobozi bwiwe bwo kumenya Imana n'Umwana wayo. Umutima wiwe uhar.inira kwifuza gukorera Umwami wiwe igikorwa gishimwa. Kandi ubwo akomeza urugendo1 liiu nzira Rukristo, ni ko «akomerera mu buntu buri muri Kristo Yesu.» Ubwo buntu bumushoboza kuba icabona cizigirwa c'ivyo yumvise. Ntakengera canke ngo afate minenerwe ubumenyi yahawe n'Imana, ahubwo ashikiriza ubwo bumenyi abantu b'abizigirwa, na bo bazobwigisha abandi.IN 261.2

    Muri iri kete kuri Timoteyo, Paulo yashize imbere y'uwo mukozi w'umuyabaga urugero rwo hejuru, amwereka ibikorwa bimwega nk'umukozi wa Kristo. «Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk'uwamaze kurama,» ni ko iyo ntumwa yanditse, «umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw'ijambo ry'ukuri.». «Ukwifuza kw'ubusore uguhunge: maze ukurikize ukugororoka n'ukwizera n'urukundo n'amahoro, ufatanye n'abambaza Umwami wacu n'imitima itanduye. Ariko ibihari vy'ubupfu n'ivy'ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara intonganya. Kandi umusuku w'Umwami wacu ntakwiye gutongana, ariko akwiye kugira ineza kuri bose, no kwihangana, no guhanurisha ubugwaneza abamuhaririza, ngo kumbure, bishobotse Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy'ukuri.»IN 262.1

    Iyo ntumwa yagabishije Timoteyo ngo yirinde abigisha b'ibinyoma bazogerageza kunyengetera mw'ishengero. «Ariko umenye yuko,» niko yanditse avuga, «mu misi y'iherezo hazoza ibihe bigoye. Kuko abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira, bibona, batumva, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana;. . . bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bwakwo: abameze batyo wame ubatera umugongo.» «Abantu babi, bo n'abahumbuzi,» ni ko abandanya avuga, «bazimiza kandi bakazimizwa. Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk'uzi abakwigishije; kandi uzi yuk'uhereye mu buto bwawe wamye uzi ivyanditswe Vyera bishobora kukumenyesha ubwenge bwo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ngo umuntu w'Imana abe uwushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw'akore igikorwa ciza cose.» Imana yaratanze ibikoresho vyinshi vyo kurwanya n'ugutsinda ikibi kiri muri iyi si. Bibiliya ni inzu y'ibirwanisho dushobora kuvanamwo ibirwanisho.» Dutegerezwa gukenyeza ukuri. Ukugororoka gutegerezwa kuba icuma gikingira igikiriza. Inkinzo y'ukwizera itegerezwa kuba mu kuboko kwacu, inkofero y'agakiza mu ruhanga rwacu; n'inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry'Imana, dutegerezwa gusatura inzira hagati y'imitego n'inzitizi z'icaha. Paulo yari azi ko imbere y'ishengero hari ibihe vy'akaga gakomeye. Yari azi ko igikorwa c'ubwizigirwa, gikomeye, gitegerezwa gukorwa n'abasigiwe uburongozi bw'amashengero; ni ko kwandikira Timoteyo ati, «Ndakwihanikiriza mu nyonga z'Imana no mu za Kristo Yesu azocirako iteka abazoba bariho n'abazoba bapfuye, kandi no kubwo kuzoboneka kwiwe n'ubwami bwiwe; uvuge ijambo ryTmana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.»IN 262.2

    Uku kwihanikiriza kw'umuntu w'umwete kandi w'umwizigirwa nka Timoteyo, ni icemezo kigaragaza ingene igikorwa cahawe umukozi w'ubutumwa bwiza gihambaye cane. Mu kwihanikiriza Timoteyo imbere y'intebe y'imanza y'Imana, Paulo amutegeka kuvuga ijambo ry'Imana, atari ukuvuga imigani n'imigenzo vy'abantu; kwitegurira gushingira intahe Imana igihe cose akaryo kabonetse-imbere y'abantu benshi canke mu mwiherero w'abantu bake, mu mayira no ku mashiga, ku bagenzi no ku bansi, mu gihe c'umutekano canke mu miruho n'irinde, bamurwanya canke atakaza utwiwe.IN 262.3

    Kubera yatinya ko Timoteyo, asanzwe ari umuntu acisha make, yohava atirimuka ku ruhara rukomeye rw'igikorwa ciwe, Paulo yamwinginze kuba umwizigirwa mu kwihaniza icaha n'uguhana yivuye inyuma abagirwa n'ivyaha bikomeye. Ariko ivyo yategerezwa kubikora mu «kwihangana no kwigisha.» Yategerezwa kugaragaza ukwihangana n'urukundo vya Kristo, asobanura kandi ukwihanikiza kwiwe agushigikirisha ukuri kw'ijambo ry'Imana. Kuzinukwa n'ukwihaniza icaha, kandi wereka umunyacaha ubugwaneza n'impuhwe, ni igikorwa gikomeye. Uko tugerageza cane gushikira ubugororotsi bw'umutima n'ubuzima, niko tuzobona ko icaha ari kibi cane, kandi tugafata ingingo yo kwiyamiriza umuntu wese aciye kubiri n'ukuri. Dutegerezwa kwirinda gukarira umunyavyaha birengeje urugero, ariko kandi dutegerezwa kuba maso ngo ntitwibagire ko icaha ari ubugesera.Birakenewe ko twereka uwazimiye ukwihangana n'urukundo vya Kristo, ariko hari akaga ko kudahana ivyaha vyiwe, ku buryo yibaza ko atabereye igihano, maze akibaza ko abihaniwe yoba arenganijwe.IN 263.1

    Abakozi b'ubutumwa bwiza rimwe na rimwe bakora nabi cane mu kudahana abanyavyaha, gushika n'aho babigiramwo uruhara. Gutyo rero bagatanga impamvu zo kurenza uruho rw'amazi ku vyo Imana yiyamiriza, kandi bidatevye bahinduka impumyi ntibabe bagihana abo Imana ibategeka guhana. Uwirengagiza ivyaha ntahane abo Imana icirako iteka, igihe kizoshika bakore icaha kiruta ico mu guhana gukarira abo Imana yemera. Ku bwo kwiratira ubwenge bwa kimuntu, mu kwanka kwumvira Mpwemu Yera, n'ugutakigirira igishika ijambo ry'Imana, abantu benshi biyita Abakristo kandi bakiyumva ko bafise ubumenyi bwo kwigisha abandi, bazoshika aho birengagiza gukora ivyo Imana isaba. Paulo yabwiye Timoteyo ati, «Igihe kizoza, aho batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kuko amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n'ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y'ibinyoma.»IN 263.2

    Aha iyo ntumwa ntivuga uguhakana idini ku mugaragaro, ahubwo avuga Abakristo bafata ivyiyumviro n'ivyifuzo vyabo bakabigira umurongozi, maze gutyo bikabagira abaja. Abantu nk'abo bishimira kwumva inyigisho zidakankamira ivyaha vyabo canke ngo zicire urubanza intumbero yabo yo gukunda ibihimbaro vy'icaha. Bababazwa n'amajambo atarya umunwa y'abasifku b'Imana b'abizigirwa, maze bakihitiramwo abigisha babashimagiza kandi bakabaryohera. Kandi no mu bibwira ko ari abakoii b'Imaria, h'arimwo abigisha ivyiyumviro vy abantu iho kwigisha ijambo’ ry'Imana. Batirimuka ku kuri babikijWe, bakazimlfca ababaraba nk'ind'ongozi zabo mu vya Mpwemu. Mu nyigisho z'ivyagezwe vyayo vyera, Irnana yatanze igipimo co kugenderako mu buzima; kandi yemanze ko gushika ku muhero w'isi, ibi vyagezwe bidahindutseko n'akazatsa canke akanyuguti, bizoguma bisaba abantu ko babikurikiza. Kristo yaje gushira hejuru ivyage2we no kuvyubahiriza. Yerekanye ko bishimikiye ku rukundo rw'Imana n'abantu. Mu buzima bwiwe bwite yerekanye akarorero ko kugamburukira ivyagezwe vy'Imana. Mu Nyigisho yatanze ku Musozi yerekanye ingene ivyo ivyagezwe vy'Imana bisaba birengeye ibikorwa biboneka kandi bikaraba n'ivyiyumviro n'intumbero z'umutima.IN 263.3

    Ivyagezwe, iyo vyitondeye, bishikana abantu ku «kwikunkumura ukutubaha Imana n'ukwifuza ivy'isi,» no «kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mugihe ca none.» Tito 2:12. Ariko umwansi w'ukugororoka kwose yifatiye mpiri abari mw'isi, maze ayobora abagabo n'abagore guhonyanga ivyagezwe. Nk'uko Paulo yabibonye imbere y'igihe, abantu benshi bateye umugongo inyigisho z'ukuri kandi zitunganye z'ijambo ry'Imana, maze bihitiramwo abigisha bababwira imigani y'ibinyoma bahuje n'ukwifuza kwabo. Benshi mu bakozi b'Imana no mu Bakristo bariko barahonyanga amategeko y'Imana. Gutyo, Umuremyi w'isi aratukwa, maze Satani akitwengera mukubona ubuhendanyi bwiwe buroranirwa. Kubera ko ivyagezwe vy'Imana biterwa umugongo, ugukunda idini kuragabanuka, ubwibone bukiyongera, gukunda ivy'isi, kutumvira abavyeyi, n'ukwikunda; kandi ahantu hose, abantu biyumvira bibaza, bati hokorwa iki ngo dukosore ibi vyaha vyimonogoje bihere? Inyishu iri mu majambo Paulo yihanikirije Timoteyo ati, «Vuga ijambo ry'Imana.» Muri Bibiliya harimwo ingingo zitayovya zituyobora mu bikorwa vyacu. Ni amajambo yerekana ubugombe bw'Imana, n'ubwenge bwayo. Itahuza abantu ingorane nyamukuru z'ubuzima, kandi ku bantu bose bumvira inyigisho zayo izobereka, izobabera umuyobozi atazimiza, ibazigame ntibatakaze ubuzima bwabo mu miruho y'ubusa.IN 264.1

    Imana yaramenyekanishije ubugombe bwayo, kandi ni ubusazi ku muntu avuguruza iryavuye rnu kanwa kayo. Uwufise Ubwenge butagira imbibe amaze kuvuga, nta kibazo umuntu yobaza, nta kintu co guhinyanyura gishoboka. Igisabwa conyene n’ ugushira mu ngiro ata buryarya ubugombe Imana yashize ahagaragara. Kugamburuka ni co kintu ubwonge a'umutima-nama wokwihambirirako. Paulo arabandanya yihaniza: «Wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c'umuvuzi w'ubutumwa bwiza, ushitse igikorwa c'ibango ryawe.» Paulo yari yegereje kurangiza urugendo rwiwe, kandi yifuza ko Timoteyo yomusubkira, akarinda ishengero imigani y'ibinyoma n'inyigisho zigoramye umurwanizi mu nzira zose, azokoresha mu kugerageza kubatandukanya n'ubutumwa bwiza butagira amahinyu. Yamuhanuye kwitandukanya n'ugukurikira inyungu zose n’ imyitwarariko yomubuza kwitanga atiziganije ku bw igikorwa.c'Imana; kwihanganira abamurwanya anezerewe, uruvugo, n'agahamo ubwizigirwa bwiwe buzomuzanira; kwerekana neza ubushobozi bwiwe bwo kuvuga ubutumwa mu gukoresha uburyo bwose afise mu kugirira neza abo Kristo yapfiriye.IN 264.2

    Ubuzima bwa Paulo bwari ikimenyamenya c'ukuri yigishije, kandi aho ni ho hari ubushobozi bwiwe. Umutima wiwe wari wuzuye umwitwarariko w'igikorwa ajejewe, kandi yakora ari mu bumwe bwuzuye na We, we soko ry'ubutungane, ikigongwe, n'ukuri. Yihambirira ku musaraba wa Kristo nk'uko ari wo wonyene uzomuha intsinzi. Urukundo rw'Umukiza ni rwo rwamushoboza na ntaryo kwihangana mu ntambara arwana na kamere yiwe no mu ntambara arwana n'icaha ubwo yaja imbere mu gikorwa ca Kristo arwana n'urwanko rw'abo mw'isi, n'intambara y'abansi biwe.IN 265.1

    Ico ishengero rikeneye muri iyi misi y'akaga, ni ingabo z'abakozi, nka Paulo, bimenyereje kuba ingirakamaro, bafise ubumenyi bwimbitse mu bintu vy'Imana, kandi buzuye ukwitanga n'umwete. Abantu bejejwe, bemera kwiyanka barakenewe; abantu batazozibukira ingorane n'ugukora ico bajejwe; abantu b'inshigwarimetse n'abanyakuri; abantu Kristo ari mu mitima yabo «ivyizigiro vy'ubwiza,» kandi n'iminwa yakozweko n'umuriro wera «bazovuga ijambo ry'Imana.» Igikorwa c'Imana kiraboroga kubwo kubura abakozi nk'abc, kandi amakosa y'agacamutwe, nk'uburozi sindamusiga, aroaona ubweranda kandi akamunga ivyizigiro vy'umugabane munini wa kiremwa muntu.IN 265.2

    Ubwo abizigirwa, bakora badahumeka batwara ibendera y'ubugororotsi bariko baratanga ubuzima bwabo ku bwo ukuri, ni nde azoza ngo afate ikibanza cabo? Mbega abasore bacu bazemera gusigarana iragi ryera riri mu maboko ya ba se wabo? Bariteguye gusubira mu kibanza casizwe n'abizigirwa bapfuye? Impanuro z'iyo ntumwa bazozifata nka nkama, umuhamagaro wo gukora uzokwitabwa, hagati y'ibikwegakwegera abasore mu kwikunda n'ukurondera ibihambaye? Paulo yaherahereje ikete ryiwe ku butumwa bw'umwihariko ku bantu batandukanye kandi yongera asaba ashimitse ko Timoteyo yomusanga adatevye, bishobotse urushana rutaragen.. Yaravuze ivyo. irungu ryiwe ryatewe n'uko bamwe mu bagenzi’ biwe bamutaye, n'abandi vyari bikenewe ko bataba hamwe'nawe; kandi kugira ngo Timoteyo ntahave atinya kugenda kubera isheligero ry'i Efeso ryorhukenera, Paulo yavuze ko yari yarhaze gutunganya ico kibazo mu kurungika Tukiko ngo amusigarire.IN 265.3

    Amaze kuvuga ivyabaye mu rubanza irhbere ya Nero, ingene bene Data bamutaye, n'ubuntu bw'Imarfa idahemuka kw'isezerano bwamukomeje, Paulo yaheraheje ikete ryiwe ashira Timoteyo mukundwa mu biganza vy'Umwungere Mukuru, We, naho abungere b'ibisongerezi botemba, yokomeza kubungabunga ubusho bwiwe.IN 266.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents