Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyakozwe N'intumwa

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 54: Icabona C’ Intamuheba

    Iki Kigabatte Gishimikiye ku Makete ya Yoltana

    Kristo amaze kuduga mw'ijuru, Yohana yahagaze nk'umukozi w'intwari n'umwizigirwa ku bw'Umwigisha wiwe. Hamwe n'abandi bigishwa, yashimishijwe n'ugusukwa kwa Mpwemu ku musi wa Pentekote, kandi yabandanije n'umwete n'ubushobozi busha kubwira abantu amajambo y'ubugingo, arondera kurongora ivyiyumviro vyabo kuri wa wundi ataboneka. Yari umusiguzi akomeye cane, w'ubwira n'umwete mwinshi. Mu majambo ateye igomwe n'ijwi riririmba yigishije amajambo n'ibikorwa vya Kristo, avuga mu buryo bukora ku mitima y'abamwumviriza. Amajambo yiwe yoroshe, ubushobozi bw'ukuri yavuga, n'ishaka ryaranga inyigisho ziwe, vyamuha uburenganzira bwo gushikira abantu b'ubwoko bwose.IN 286.1

    Ubuzima bw'iyo ntumwa bwari buhuye n'inyigisho ziwe. Urukundo akunda Kristo rwaka mu mutima wiwe, rwamutuma akora n'umwete, atiziganya ku bwo abantu, na cane cane bene Data bo mw'ishengero rya Kristo. Kristo yari yategetse abigishwa ba mbere gukundana nk'uko yabakunze. Gutyo rero basabwa gushingira intahe abari mw'isi ko Kristo yubatswe muri bo, ivyizigiro vy'ubwiza. Yababwiye ati, «Ndabaha icagezwe gisha, ni mukundane; nk'uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Yohana 13:34. Igihe aya majambo yavugwa, abigishwa ntibashobora kuyatahura; ariko bamaze kwibonera imibabaro ya Kristo, amaze kubambwa kandi akazuka, kandi akaduga mw'ijuru, kandiIN 286.2

    Mpwemu Yera amaze kubazako ku musi wa Pentekote, baratahuye neza urukundo rw'Imana n'ubwoko bw'urukundo bategerezwa kugiriranira. Yohana rero yashobora kubwira abigishwa bagenziwe ati: «Iki ni co kitumenyesha urukundo, ni uko uwo yatanze ubugingo bwiwe kubwacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bwacu kubwa bene Data.» Mpwemu Yera amaze kumanuka, igihe abaigishwa bagenda kwamamaza Umukiza ari muzima, icifuzo cabo rudende cari agakiza k'imitima. Banezerejwe n'akanovera k'ubumwe bw'abera. Bari abagwaneza, bitwararika, biyanka, biteguye kugira akigoro kose ku bwo ukuri. Mu migenderanire yabo ya buri musi, bagaragaza urukundo Kristo yari yabategetse. Mu majambo atarimwo ukwikunda n'ibikorwa, bagerageza kwatsa urwo rukundo mu yindi mitima. Urwo rukundo abizera basabwa kuruzigama. Bategerezwa kuja imbere bagamburukira ata gahato ico cagezwe gisha. Bategerezwa kwomatana na Kristo ngo bashobozwe gushitsa ivyo abasaba vyose. Ubuzima bwabo bwategerezwa gushimagiza ubushobozi bw'Umukiza ashobora kubatsindanishiriza ku bwo ubugororotsi bwiwe.IN 286.3

    Ariko buhoro buhoro ibinhi vyarahindutse. Abizera batanguye kubona udusembwa mu bandi.. Mu kugumiza amaso ku makosa, mu guha ikibanza amajambo y'agacokoro, bibagiye Umukiza n'urukuncfo rwiwe. Baciye bashira akatuzo ku biboneka hanze mu nteguro zo gusenga, cane cane ku vyerekeye ivyiyumviro vy'ubwenge aho kuraba cane ishirwa mu ngiro ry'ukwizera. Muw'ishaka ryabo ryo gucokora abandi, biyobagije amakosa yabo ubwabo. Batakaje urukimdo rwa kivandimwe, Kristo yari yabategetse, kandi ikibabaje kuruta vyose, ntibatahura ko bazimiye. Ntibabona ko umunezero n'akamwemwe biriko birashira mu buzima bwabo kandi ko, kubera bugaraniye urukundo rwTmana hanze y'imitima yabo, bidatevye bazogendera mu mwiza.IN 287.1

    Yohana, abonye urukundo rwa kivandimwe ruriko rurakabirana mw'ishengero, yinginze abizera ngo barondere na ntaryo urwo rukundo. Amakete yiwe yandikiye amashengero yuzuye iki ciyumviro. Yandika ati, «Abo nkunda, dukimdane: kuko urukundo ruva >ku Mana; umuntu wese akundana yavyawe ri'Imana, kandi azi Imana. Uwudakimdana, ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo. Iki ni co caseruye urukundo rw'Imana muri twebwe, ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w'ikinege mw'isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na We. Iki ni co kirimwo urukundo, si uko twebwe twakunze Imana, ariko ni uko ari yo yadukunze, igatuma Ucnwana wayo kuba impongano y'ivyaha vyacu. Abo nkunda, ko Imana yadukunze ityo, natwe dukwiye gukundana.»IN 287.2

    Ku buryo bumwe budasanzwe urwo rukundo rutegerezwa kugaragazwa n'abizera, iyo ntumwa yandika iti, «Ndabandikira icagezwe gisha, kandi ico ni ico ukuri muri We no muri mwebwe: kuko umwiza uriko urashira, umuco w'ukuri umaze kwaka. Uwuvuga, ko ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n'ubu. Uwukunda mwene Data wundi aguma mu muco, nta gitsitaza kiri muri we. Ariko uwanka mwene Data wimdi ari mu mwiza, kandi agendera mu mwiza, ntazi iyo aja, kuko umwiza wamuhumishije amaso.» «Ubu ni bwo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.» «Uwudakundana yama mu rupfu. Uwanka mwene Data wundi ni umwicanyi: kandi murazi yuko ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we. Iki ni co kitumenyesha urukundo, ni uko uwo yatanze ubugingo bwiwe ku bwacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bwacu ku bwa bene Data.»IN 287.3

    Si abarwanya ishengero bo mw'isi bariterera mu kaga cane. Ni ububi bubundikirwa mu mitima y'abizera bwica cane kandi bukabera intambamyi iterambere ry'igikorwa ca Kristo. Nta yindi nzira vy'ukuri ishobora kwica ubuzima bw'impwemu nko gukuyakuya ishari, urwikeko, kurondera amakosa mu bandi, n'ukwiyumvira abandi nabi. Ku rundi ruhande, ikimenyamenya ko Imana yarungitse Umwana wayo mw'isi ni kubaho kw'umwumvikano n'ubumwe hagati y'abantu batandukanye bagize ishengero. Ni amahirwe ku bigishwa ba Kristo gutanga iki gishingantahe. Ariko kugira ngo babikore, bategerezwa kwisunga itegeko rya Kristo. Kamere zabo zitegerezwa guhuza na kamere ya Kristo n'ubugombe bwabo bugahuza n'ubwiwe.IN 288.1

    Kristo yavuze ati, «Ndabaha icagezwe gisha: nimukundane; nk'uko nabakunze abe ari ko namwe mukundana.» Yohana 13:34. Mbega amajambo atangaje; ariko, ntiworaba ingene ari gake bayakurikiza! Mw'ishengero ry'Imana uyu musi, birateye agahinda ingene urukundo rwa kivandimwe rwabuze. Benshi mu bavuga ko bakunda Umukiza ntibakundana. Abatizera bariko baritegereza ngo barabe namba urukundo rw'abiyita Abakristo rukora mu buzima bwabo igikorwa co kubeza; kandi babona badatevye utunenge muri kamere yabo, ingene ibikorwa vyabo bibavuguruza. Abakristo ntibahe akaryo umurwanizi ko gushobora kuvuga ngo, Raba ingene aba bantu bahagaze musi y'ibendera rya Kristo bankana. Abakristo bose bagize umuryango umwe, bose ni abana ba Data wa twese wo mw'ijuru, bafise ivyizigiro vy'umugisha bimwe vy'ukudapfa. Bategerezwa gufatanywa n'imigozi y'ubumwe n'urukundo.IN 288.2

    Urukundo rw'Imana ruhamagara cane imitima yacu igihe rudusaba kugaragaza za mpuhwe Kristo yerekanye. Ko umuntu gusa afise urukundo rutikunda ari we akunda Imana vy'ukuri. Umukristo w'ukuri ntazokwemera ko umuntu ari mu kaga n'ubukene agenda atagabishijwe, atitaweho. Ntazirengagiza abantu bari mu makosa, ngo abareke badobere mu mibabaro no gucika intege canke ngo bagwe mu rubuga rw'intambara ya Satani.IN 288.3

    Abatigeze bamenya urukundo nikwega abantu rwa kristo ntibashobora kuyobora abandi kw'isoko y'ubugingo. Urukundo rwa Kristo mu mutima ni ubushobozi bugobera, buyobora abantu kumuhishura mu biganiro, mu mutima w'urukundo n'ikigongwe, n'ukuzamura ubuzima bw'abo bahwana nabo.Abakozi b'Abakristo baroranirwa mu twigoro twabo bategerezwa kumenya Kristo; kandi kugira ngo bamumenye, bategerezwa kumenya urukundo rwiwe. Mw'ijuru urugero rwabo rwo kumenya ko babereye nk'abakozi, rupimwa n'ubushobozi bwabo bwo gukurida nk'uko Kristo yakunze, no gukora nk'uko yakoze. Iyo ntumwa yar.dikc. iti, «Ktidukunde mu majambo, ariko mu bikorwa no mu kuri.» Ubutimgane bwa kamere bushikirwa iyo igishika co gufasha no guhezagira abandi cama kidudubiza mu mutima. Ni urwo rukundo rwuzuye mu mutima w'umwizera rumutuma aba akanovera k'ubuzima gatanga ubuzima kandi kagatuma Imana ihezagira igikorwa ciwe.IN 288.4

    Gukunda Imana kuruta vyose n'ugukunda abandi kuzira ukwikimda-ni yo ngabire iruta zose Data watwese wo mw'ijuru ashobora gutanga. Uru rukundo si urwo igihababu, ahubwo ni itegeko ry'Imana, ubushobozi bwamaho. Umutima utitanga ntushobora kwamurwamwo urwo rukundo. Ruboneka gusa mu mutima Yesu aganzamwo. «Tumukunda kuko yabanje kudukunda.» Mu mutima wagizwe musha n'ubuntu bw'Imana, urukundo ni rwo rutegeka ivyo dukora vyose. Ruhindura kameremere, rutegeka“ivyo dukora ku gihababuko, ruyobora ivyo duhahamiye, kandi rugahingura ivyo twifuza. Uru rukundo, rwakiriwe mu mutima, rutanga akanovera ku buzima kandi rugatyorora aho tuba hose. Yohana yagerageje gufasha abizera gutahura imigisha idasanzwe boronka mu kwimenyereza kugira umutima w'urukundo. Ubu bushobozi bukiza, bwuzuye mu mutima, butegerezwa gutegeka iyindi migambi yose kandi bugakingira ababufise ibikorwa vy'agagituro vy'isi. Kandi ubwo urwo rukundo rwobogaboga kandi rugahinduka ubushobozi butegeka izindi mvo zose mu buzima, ivyizigiro n'ukwizera Imana kwabo n'umubano wabo vyotimganye.IN 289.1

    Bari gushobora rero kuza kuri We bizeye badakekeranya, bazi ko bazomuronkako ivyo bakeneye ku bwo ineza y'ubu buzima n'ubuzima budashira. Yanditse, ati «Iki ni co kimaze guhingura urukundo muri twebwe, kugira ngo tuze dushire ubwoba ku musi w'amateka: kuko uko ari, ari ko turi muri iyi si. Nta bwoba buba mu rukundo; ariko urukimdo ruhinguwe rusenda ubwoba.» «Kandi ubu ni bwo bushizi bw'ubwoba dufise kuri Yo, ni uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n'ivyo igomba, itwumva: Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, . . . bitumenyesha ko duhawe ivyo tuyisavye.»Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo mugororotsi, kandi uwo ni We mporigano y'ivyaha vyacu, mugabo si iyo ivyacu twenyene, ariko ni iyo ivyo abari mw'isi bose.» «Ni twatura ivyaha vyacu, ni Yo yo kwizigirwa, kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.» Ibisabwa n'Imana ngo turonke ikigongwe biroroshe kandi birumvikana. Umwami Imana ntadusaba kwibabaza ngo tugure ikigongwe. Nti dusabwa gukora ingendo ndende kandi ziruhije, canke ngo dukore ibihano vyo kwibabaza, ngo Imana yo mw'ijuru yemere imitima yacu canke ngo dutange impongano y'ivyaha vyacu. «Uwihana kandi akareka» icaha ciwe «azogirirwa ikigongwe.» Imigani 28:13.IN 289.2

    Mu manza zo mw'ijuru, Kristo ariko avugira ishengero-avugira abo yarihiye amaraso yiwe ngo abacungure. Ibinjana, imyaka, ntibishobora kugabanya ububasha bw'ikimazi c'impongano yiwe. N'ubugingo canke urupfu, uburebure bw'amajaruguru canke bw'amajepfo, ntibishobora kudutandukanya n'urukundo rw'Imana ruri muri Kristo Yesu; atari kubera tumwomye ko ahubwo kubera atugumije cane. Iyaba agakiza kacu gahagaze ku twigoro twacu, ntitworokotse; ariko gahagaze kuri wa wundi amasezerano yose ahagazeko. Dushobora kumwomako nabi nabi, ariko urukundo rwiwe ni urwo umuntu akunda murumunawe; igihe cose tugumye mu bumwe na We, nta n'umwe yotubatura mu kiganza ciwe.IN 290.1

    Ubwo imyaka yakurikiranye kandi igitigiri c'abizera kikiyongera, Yohana yongereje ubwizigirwa n'umwete mu gukorera bene Data. Ishengero ryari mu bihe vy'akaga gakomeye. Ku bwo kuvuga nabi ishengero n'ububeshi intumwa za Satani zagerageje kurwanya inyigisho za Kristo, maze imitongano yo kugoreka inyigisho bigeramira ishengero. Bamwe mu biyita Abakristo bavuga ko urukundo rwiwe rwababohoye kwitondera ivyagezwe vy'Imana. Ku rundi ruhande, benshi bigisha ko ari ngombwa kwitondera imigenzo vy'Abayuda n'unihango y'urusengero; ko kwitondera ivyagezwe vyonyene, hatarimwo ukwizera amaraso ya Kristo, vyari bihagije ngo umuntu akizwe. Abandi bavuga ko Kristo yari umuntu mwiza, ariko bagahakana Ubumana bwiwe. Bamwe mu bigira abayoboke b'igikorwa c'Imana bari ababeshi, kandi mu bikorwa vyabo bagahakana Kristo n'ubutumwa bwiza bwiwe. Kubera bo ubwabo baba mu bigabitanyo, binjije inyigisho z'ibinyoma mw'ishengero. Gutyo benshi batwawe mu vyiyumviro vyo gukekeranya n'ubuzimire.IN 290.2

    Yohana yagize agahinda abonye ubwo burozi bw'amakosa bunyengetera mw'ishengero. Yabonye akaga kageramiye ishengero, maze afata ingingo yo gutabara vuba vuba. Amakete ya Yohana ahumeka umutima w'urukundo. Bisa n'uko yandikishije ikaramu ikojeje mu rukundo. Ariko igihe yashikira abariko barahonyanga ivyagezwe vy'Imana, ariko biyambika izera, ntiyagize ikinya mu kubagabisha ku bwo ubuzimire bwabo buteye ubwoba.Yandikira umwe mu bo basangiye igikorwa c'ubutumwa bwiza, umugore ashingirwa intahe ku ngeso ziwe nziza, kandi amenyekana cane, yavuze ati: «Abigira abavugishwa n'Imana benshi baserutse baja mw'isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Uwumeze atyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo. Mwiyubare, ntimuhombe ivyo ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabwe ingero itagabanije. Umuntu wese ararata, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: uwuguma mu vyo yigishije, ni we afise Data wa twese n'Umwana. Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza azanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu yanyu, kandi ntimuze mumuhe ikaze: kuko uwuzomuha ikaze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.»Abigira ngo bari muri Kristo kandi bahonyanga ivyagezwe vy'Imana, turemerewe kubafata nk'uko uwo mwigishwa mukundwa yabafashe. Muri iyi misi y'imperuka hari ibibi bisa n'ivyageramiye iterambere ry'ishengero rya mbere; kandi inyigisho z'intumwa Yohana ku bwo ivyo zitegerezwa gukurikizwa neza. «Mutegerezwa gukundana,» ako ni ko kamo kumvikana ahantu hose, na cane cane mu bigira aberanda. Ariko urukundo rw'ukuri ruratunganye ku buryo rudashobora gupfuka icaha kitatuwe. Naho dusabwa gukunda abantu Kristo yapfiriye, ntidushobora gucudika n'ikibi. Ntidushobora kwifatanya n'ubugarariji hanyuma tuvyite ngo ni urukundo. Imana isaba abantu bayo bo muri iki gihe isi igezemwo guhagararira ukuri tudatinya nk'uko Yohana yakoze arwanya ibinyoma vyonona imitima.IN 290.3

    Iyo ntumwa yigisha ko naho dusabwa kwerekana ubupfasoni Rukristo turemerewe kurwanya tutarya umunwa icaha n'abanyavyaha; ibi ntibiteye kubiri n'urukundo. Yandika ati, «Umuntu wese akora icaha akora ivy’ ubugarariji: kandi icaha ni co mugararizo. Kandi murazi ko uwo yahishuwe kugira ngo akureho ivyaha, kandi ata caha kiri muri We. Umuntu wese aguma muri We ntakora ivyaha: uwukora ivyaha nyiyamubonye kandi ntiyamumenye.» Nk'icabona ca Kristo, Yohana ntiyinjira mu bihari, n'amajambo y'agasomborotso y'urudaca. Yavuga ivyo azi, ivyo yabonye kandi yumvise. Yari yabanye na Kristo mu bumwe, yumviriza inyigisho ziwe, abona ibitangaza vyiwe vy'agakura. Ni bake bashobora kubona ubwiza bwa kamere ya Kristo nk'uko Yohana yabibonye. Kuri we umwiza wari waheze; kuri we umuco nyakuri wariko urakayangana. Intahe yashingira ubuzima n'urupfu vya Kristo yari itomoye kandi igaragara. Yavuga ibivuye mu mutima ubogabogamwo urukundo rw'Umukiza; kandi nta bushobozi bwashobora guhangana n'amajaambo yiwe. Yemanze ati, «Icariho uhereye ubwa mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n'amaso yacu, ico twitegereje, kandi intoke zacu zikagikorakora, ivyo kuri Jambo w'ubugingo; . . . ico twabonye tukacumva ni co tubabwira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe: kandi natwe dufatanije na Data wa twese n'Umwana wiwe Yesu kristo.» Ese umwizera wese w'ukuri yoshobora kuvuga biciye mu buzima bwiwe bwite, «gutera igikumu ngo Imana ni iy'ukuri.» Yohana 3:33.IN 291.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents