Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyakozwe N'intumwa

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 15: Kuvanwa Mw’ Ibohero

    Iki kigabatte gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 12:1-23.

    «Maze nko mur'ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw'ishengero ngo abagirire nabi.» Leta ya Yudeya muri ico gihe yari mu minwe ya Herode Agiripa, yatwarira Clawudiya, Umwami w'abami w'Umuroma. Herode kandi yatwara Galilaya. Yari yarakiriye idini ry'Abayuda, kandi vyasa n'uko yihatira gukurikiza imihango y'ivyagezwe vy'Abayuda. Kubera ko yifuza kurabwa neza n'Abayuda, kugira ngo agume mu gikorwa ciwe n'icubahiro, yashigikiye ivyipfuzo vyabo mu guhama ishengero rya Kristo, yinjira mu mazu akanyaga ubutunzi bw'abizera, kandi ashira mw'ibohero abarongozi b'ishengero. Aterera mw'ibohero Yakobo, mwene wabo na Yohana, arungika umuntu wo kumwicisha inkota, nk'uko Herode wundi yari yaciye umutwe wa Yohana uwavugishwa n'Imana. Abonye Abayuda banezerejwe n'utwigoro twiwe, aterera Petero nawe mu mvuto. Mu gihe ca Pasika niho ubwicanyi bwinshi bwakoreka. Igihe Abayuda bibuka ibohorwa ryabo mu Misiri kandi bigira nk'abashishikariye kwubaha ivyagezwe vy'Imana, niko bica n'ingingo y'ivyo vyagezwe mu guhiga n'ukwica abizera Kristo.IN 74.1

    Urupfu rwa Yakobo rwateye agahinda n'akababaro gakomeye mu bizera. Babonye Petero atawe mw'ibohero, ishengero ryose ryigira inama yo kwisonzesha no gusenga. Igikorwa Herode yakoze mu kubohesha Petero cashimwe cane n'Abayuda, n'aho bamwe batanezerejwe n'uko babikoze mu mpisho, kuko bibaza ko bamwiciye mu rukinja abizera n'abari ku ruhande rwabo bobatera ubwoba. Nuko Herode aba aragumije Petero, afise umugambi wo kunezereza Abayuda mu nyuma, mu kumwicisha mu rukinja. Ariko bamubwiye ko bitoba vyiza kwicira iyo ntumwa bikovongo imbere y'abantu bose bari bakoraniye i Yerusalemu. Batinya ko igihe abantu bomubona asohokanywe ngo aje kwicwa isinzi ry'abantu bari aho ryoterwa n'akagongwe.IN 74.2

    Abaherezi n'abategetsi baratinya kandi ko Petero yokwongera kugira imihamagaro yiwe yuzuye ubushobozi yari amenyereye gukora kandi yatumye abantu benshi biga ubuzima na kamere ya Yesu - insiguro, ku bw'ivyiyumviro vyarimwo, zatuma ata muntu n'umwe ashobora kuzivuguruza. Ubwira bwa Petero mu kurwanira igikorwa ca Kristo bwari bwatumye abantu benshi bafata ingingo yo kwemera ubutumwa bwiza, kandi abategetsi batinya ko yohava yongera kuboneraho akaryo ko gutanga ubusobanuro bw'ukwizera kwiwe imbere y'isinzi ry'abantu bari baje mu gisagara gusenga, ku buryo boca basaba umwami ko amubohora. Igihe ku bwo imvo nyishi urupfu rwa Petero rwabandanije kwigizwayo gushika Pasika ihere, abizera baronse akaryo gahagije ko gusesa mu mitima no gusenga bashimitse. Basengera Petero urudaca, kuko bibaza ko rudashobora kumusiga. Batahuye ko bashitse ahantu, Imana itabafashije mu buryo budasanzwe, ishengero rya Kristo ryozimangana. Muri uwo mwanya abambaza Imana bava mu mahanga yose bariko barondera urusengero rwari rwerejwe gusengeramwo Imana. Rwarakayangana n'izahabu n'amabuye y'agaciro, ruboneka mu bwiza butangaje. Ariko Yehova nti yari akiri muri iyo nyubakwa y'igikundiro. Isirayeli nk'ihanga yari yaritandukanije n'Imana yabo. Igihe Kristo, agira arangize igikorwa ciwe mw'isi, yitegereza mu rusengero ubwa nyuma, yavuze ati, «Raba inzu yanyu muyitanywe ari umusaka.» Matayo 23:38. Hambere yari yise urwo rusengero inzu ya Se; ariko igihe Umwana w'Imana yarusohokamwo, Imana yari ivuye burundu muri iyo ngoro yubakiwe icubahiro cayo.IN 75.1

    Vyabaye kera umusi wo gupfa kwa Petero urashingwa, ariko amasengesho y'abizera yakomeje kuduga mw'ijuru; kandi igihe bahamagara n'inkomezi n'impuhwe basaba ubufasha, abamarayika b'Imana bariko bararinda iyo ntumwa iri mw'ibohero. Yibutse ingene hambere intumwa zatorotse mw'ibohero, Herode ubu hoho yari yazitiye. Kugira ngo ntibishoboke ko atoroka, bari bashize Petero mu si y'uburinzi bw'abasoda cumi na batandatu, bakuranwa kumurinda ijoro n'umutaga. Mu cumba yari abohewemwo, yari ahagatiwe n'abasoda babiri kandi aboheshejwe iminyororo, umunyororo umwe umwe wose uboheye ku kuboko kw'umwe muri abo basoda. Nti vyashoboka ko anyagara batabimenye. Inzugi z'ibohero zugawe neza, kandi hanze zirinzwe cane, ivyizigiro vyo gutoroka mu buryo bwa kimuntu vyari vyaheze. Ariko aho umuntu agarukira niho Imana ibonera akaryo.IN 75.2

    Petero yari yugaraniwe mu kumba kimbwe mu rutare, inzugi zaryo zarakomejwe n'ivyuma; kandi abasoda bari bararahijwe ko batazohirahira ngo batorokeshe umuntu. Ariko ivyuma n'abarinzi b'Abaroma, bitashobora kuneshwa n'umuntu, vyafashije intsinzi y'Imana irushiriza kuba iyihambaye cane mu kubohoza Petero. Herode yari yabanguriye ukuboko Ishoboravyose, kandi yategerezwa gutsindwa bigaragara. Mu kugaragaza ubushobozi bwayo, Imana yari igiye kurokora ubwo buzima bw'agaciro Abayuda bariko bagira imigabo yo kurandura. Ni umusi wa nyuma imbere y'uko bamwica. Umumarayika w'inkomezi arungitswe avuye mw'ijuru kurokora Petero. Za nzugi ntamenwa zari zugaranye uwo mwera w'Imana zuguruka ata kuboko kw'umuntu kuzikozeko. Umumarayika w'Isumbavyose acamwo, maze inzugi ziyugara inyuma yiwe ata gakoma. Yinjira muri ka kumba, asanga Petero aryamye, asinziriye itiro ry'amahoro aturuka ku vyizigiro vyuzuye. Umuco ukikuje uwo mumarayika wuzura muri ako kumba, ariko ntiwavyura iyo ntumwa. Gushika aho yumvise umumarayika amukozeko, kandi yumvise ijwi rivuga ngo, «Va hasi vuba,» niho yikanguye neza ku buryo yashoboye kubona akumba kuzuye umuco wo mw'ijuru, kandi abona umumarayika w'ubwiza butangaje ahagaze imbere yiwe. Apfa kugamburuka iryo jambo abwiwe, kandi ubwo yaterura ibiganza vyiwe ntiyamenya n'ingene ya minyororo yari ku bikonjo vyiwe yakorotse.IN 75.3

    Na none rya jwi ry'intumwa yo mw'ijuru rirasubira riti, «Kenyera, kandi wambare inkweto zawe,» maze Petero yongera gupfa kugamburuka, atangarira cane uwo mushitsi kandi yibaza niba yeretswe canke ariko ararota. Wa mumarayika asubira kandi kumutegeka ati, «Ikubireko umutamana wawe maze unkurikire.» Arasohoka, wa wundi Petero atabura ico avuga nawe aramukurikira, ubu hoho ameze nk'ikiragi kubwo gutangara. Barengana abarinzi maze bashikira rwa rugi rw'ivyuma, rurabiyugururira ubwarwo, ba barinzi bo mu nzu n'abo hanze bumira ku birindiro vyabo, ntibabica n'ikanda. Urugi rwa kabiri, narwo nyene rurinzwe imbere n'inyuma, rurashikirwa. Rwiyugurura nk'urwa mbere, n'amapata y'inzugi canke ivyuma bidakomye. Carasohoka, narwo nyene rwiyugara ata gakomye. Biba nk'uko, baca mw'irembo rya gatatu, maze babona bari hanze y'igisagara. Nta jambo ryavuzwe; nta n'ikirenge cumvikanye. Wa mumarayika arasoboka ari imbere, akikujwe n'umuco ukayangana cane, Petero nawe ntiyamenya ko ivyo umumarayika akoze ari ivy’ ukuri, acibaza ko ari mu ndoto, akurikira uwumubohoye. Nuko baca mw'ibarabara rya mbere, maze igikorwa c'uwo mumarayika kirangiye, buno nyene aca arazimangana.IN 76.1

    Wa muco wo mw'ijuru urayonga, maze Petero yumva ko ari mu mwiza mwinshi; uko amaso yiwe yamenyera, niko uwo mwiza wagiye ugabanuka, niko kubona ko ari mw'ibarabara wenyene, akayaga gakanye k'ijoro gahuha mu maso yiwe. Maze amenya ko yidegemvya, ko ari mu gace k'igisagara yari amenyereye; amenya ko aho hantu ari aho yahora agendera kandi yibaza ko aho bukera azohabona ubwa nyuma. Atangura kwiyumvira ivyabaye mu mwanya muto uhise. Yibuka ingene yatwawe n'agatiro, abohewe hagad y'abasoda babiri, yakuye isandari n'umutamana wiwe. Ariraba neza asanga arambaye kandi akenyeye. Ibikonjo vyiwe vyari vyariwe na ya minyororo y'ubugesera, abona biridegemvya. Atahura ko umwidegemvyo wiwe atari ukurazirana canke indoto canke ukwerekwa, ahubwo ko ari ukuri kw'umugisha. Ku musi ukurikira yari yiteze gupfa. «Akenge kagarutse, Petero aribwira ati, Noneho menye vy'ukuri yuko Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n'ivyo ubwoko bw'Abayuda bwari bwiteguye gukora.»IN 76.2

    Ya ntumwa ibanza kugana inzu abavandimwe bari bakoraniyemwo kandi muri ako kanya bariko baramusengera bashimitse. «Petero akomanga ku rugi rw'irembo, umukobwa w'umugurano yitwa Rode aja kwumviriza. Amenye jwi rya Petero akanyamuneza kamubuza kwugurura, arirukanga arinjira, ababarira yuko Petero ahagaze kw'irembo. Baramwishura bati, Urasara. Nawe avuga ashimitse ko ari ivy'ukuri. Bati ni umumarayika wiwe. «Ariko Petero ashishikara gukomanga: buguruye baramubona, barumirwa. Arabamama, abiganira uko Umwami Imana yamukuye mw'ibohero.» Nuko Petero «arahava aja ahandi.» Umunezero n'amahoro vyuzura imitima y'abizera, kubera Imana yumvise kandi ikishura amasengesho yabo kandi ikarokora Petero mu maboko ya Herode. Bukeye, isinzi ry'abantu rikorana ngo riratire ijisho ingene bica ya ntumwa. Herode atuma abasoda bakuru mw'ibohero kuzana Petero, yategerezwa kuzanwa aherekejwe n'ibirwanisho bikomeye n'abarinzi, atari gusa kugira ngo ntatoroke, ahubwo kandi ngo batere ubwoba abantu bose bohirahira kumushigikira, ndetse mbere kugira berekane ubushobozi bw'umwami. Ba barinzi b'imbere y'urugi basanze Petero yatorotse, batekerwa n'ubwoba. Bari babariwe neza ko niyatoroka bazosubira mu kibanza ciwe, kandi ku bw'ivyo bari barikanuye mu buryo budasanzwe. Igihe abo basoda bakuru baza kuraba Petero, ba barinzi bari bakiri imbere y'urugi rw'ibohero, ivyuma vyugarije bikiri uko babiboshe, iminyororo ikiri ku bikonjo vya ba basoda babiri; ariko umufungwa yazimanganye.IN 77.1

    Igihe inkuru zashikira Herode ko Petero yatorotse, yaratangaye kandi ishavu riraziriringa. Avuga ko abarinzi batabaye abizigirwa, maze ategeka ko babica. Herode yari azi ko ata bushobozi bw'umuntu bwatorokesheje Petero, ariko yahisemwo kutemera ko ububasha bw'Imana bwamutesheje umugambi wiwe, ahitamwo kurwanya Imana yemanze. Bidatevye Petero amaze kuva mw'ibohero, Herode yagiye i Kayisariya. Ico gihe yari yo, hari hateguwe isabukuru igendereye kunezereza n'ugutangaza abanyagihugu. Iyi sabukuru yari yitabwe n'abantu bakunda kwinezereza bavuye mu mihingo yose, kandi hari hategekanijwe kurya no kunywa vino. Herode arenguka imbere y'abantu nk'umwami yasharije birengeje kandi yiteguve kuvuga ijambo ry'akataraboneka. Yambaye ikanzu ikayanganako ifeza n'izahabu, ikwega imishwarara y'izuba kandi ikamena amaso y'abayiravye, aboneka nk'igitangaza. Igihagararo ciwe c'umwami n'inkomezi z’ imvugo yiwe iryobOye itangaza abantu. Kubera ko bari bamaze kuborezwa n'agahimbo na vino, babaye nk'abakubiswe n'inkuba n'ibisharizo vya Herode, ndetse n'akaroruhore k'ijambo ryiwe; ku bwo ivyishimo n'umunezero baramutangarira, bati nta muntu yigeze kubaho arabonekako icubahiro n'imvugo nziza nk'iyo. Bongerako bavuga ko naho bahora bamwubaha nk'umutegetsi bidahagije, ahubwo ko uhereye ubu bategerezwa kumusenga nk'imana.IN 77.2

    Bamwe muri abo uwu mwanya bumvikana baninahaza umunyavyaha ruhebwa, nta myaka myinshi iheze bari badugije amajwi bavuga ngo dukurireho uwo Yesu! Nabambwe! Nabambwe! Abayuda bari banse kwakira Kristo, uwo impuzu, zisanzwe kandi zahaze inkungugu y'urugendo, yaranzwe n'urukundo rw'Imana. Amaso yabo nti yashobora kubona musi y'uguca bugufi kwo hanze, Umwami w'ubuzima n'ubuninahazwa, naho ubushobozi bwa Kristo bwahishuriwe mu maso yabo mu bikorwa ata muntu n'umwe yashobora gukora. Ahubwo bari biteguye gusenga nk'imana, uwo mwami yishira hejuru yambaye impuzu z'ifeza n'izahabu zihishije ububi n'umutima w'ubwicanyi. Herode yari azi ko adakwiye namba amashimwe n'icubahiro bamuhaye, ariko yemeye ko abantu bamugira ikigirwamana. Umutima wiwe wiyumvisemwo icubahiro kirengeje, maze ubwibone bumushwara mu maso ubwo yumvise amajwi aduga ati, «Iri n'ijwi ry'imana, ntabwo ari iryo umuntu.» Ariko bidatevye, ibintu vyaramuhindutseko. Mu maso hiwe hariraburaniwe nk'urupfu maze harangwa n'agahinda k'uwuri ku mpfiro. Ibima vy'ivyuya bitangura kumusokorokamwo. Ahagarara gato nk'uwucumiswe n'ububabare buvanze n'ubwoba; maze ahindukiza mu maso hiwe hahindutse umweru kandi hije ngo arabe bagenzi biwe batekewe n'ubwoba, asemerera n'ijwi ryuzuye agahinda n'ukwihebura, ati Wa wundi mwaninahaje nk'imana rurikoreye. Ababara urwo agashinyaguro, bamukura ma maso y'abarorerezi. Mu kanya gashize yari yishize hejuru ahabwa impundu kandi asengwa n'isinzi ry'abantu; ubu noneho atahuye ko yaguye mu maboko y'Umutegetsi akomeye kumurusha.IN 78.1

    Aribwa n'ukwicuza; yibuka ingene atahengeshanije guhama abizera Kristo; yibuka n'itegeko ry'ubugesera yatanze ryo kwica Intungane Yakobo, n'umugambi wiwe wo kwica intumwa Petero; yibuka n'ingene mu kababaro kiwe bifatanije n'ishavu ry'uko atashitse ku mugambi wiwe, yari yasutse ukwihora kutagira aho gufatiye ku barinzi b'ibohero. Noneho atahura ko yahangaranye n'Imana, we yahamye ishengero atiziganije. Ntiyaronse igihoza umubiri wiwe imibabaro canke umutima wiwe agahinda, mbere ntavyo yari yiteze. Herode yari azi icagezwe c'Imana kivuga ngo «Ntukagire izindi mana umbangikanya.» Kuvayo 20:3; kandi yari azi ko mu kwemera gusengwa n'abantu yari yujuje igikombe c'ivyaha vyiwe n'ukwikwegerako uburake bukwiye bwa Yehova.IN 78.2

    Wa mumarayika yari yavuye mu birimba vyo mw'ijuru kurokora Petero, yari yahindutse intumwa y'uburake n'urubanza kuri Herode. Umumarayika yakubise Petero amuvyura mw'itiro; yakubitishije urushi rutandukanye uwo mwami yigira ibiro biteze, ashira hasi ubwibone bwiwe, kandi azana kuri we igihano c'Ishoboravyose. Herode yapfiriye mu kababaro k'umubiri n'umutima, aronse igihano c'Imana. Iki kimenyamenya c'ubutungane bw’ Imana cakoze cane ku bantu. Inkuru z'uko intumwa ya Kristo yabohowe mu buryo bw'igitangaza kandi agakizwa urupfu, ariko uwamuhama agakubitwa n'umuvumo w'Imana, zasakaye ahantu hose, kandi zabaye ikiraro co kuzana benshi ku kwizera Kristo. Ivyabaye kuri Filipo, yarongowe n'umumarayika avuye mw'ijuru ngo aje guhura n'umuntu arondera ukuri; inkuru ya Koruneliyo, yagendewe n'umumarayika afise ubutumwa bw'Imana; inkuru ya Petero, yari mw'ibohero kandi yaciriwe urwo gupfa, agasohorwa n'umumarayika - ivyo vyose vyerekanye imigenderanire y'ijuru n'isi. Ku mukozi w'Imana uku kugenderwa kw'umumarayika gukwiye kuzana inkomezi n'ubushizi bw'amanga. Uyu musi nk'uko vyari no mu gihe c'intumwa, intumwa zo mw'ijuru zigendagenda mw'isi, zirondera guhoza abababaye, zikingira abanse kwihana, zizana imitima y'abantu kuri Kristo. Ntidushobora kubabona n'amaso yacu; ariko kandi bari kumwe natwe, baturongora, bayobora, badukingira.IN 79.1

    Ijuru rifatanijwe n'isi na ca curirizo c'igitangaza, ishimikiro ryaco riri kw'isi, iherezo naryo rigakora ku ntebe y'ubwami y'Isumba vyose. Abamarayika bama bariko baraduga kandi bamanuka ico curirizo gikayangana, batwaye mw'ijuru kwa Data amasengesho y'abakenye n'abacitse intege, bongera bazana imigisha n'ivyizigiro, ubushizi bw'amanga n'ubufasha ku bana b'abantu. Abo bamarayika bakikuza umutima n'umuco wo mw'ijuru, bakaturerura imbere y'ibitabonwa kandi bihoraho. Nti dushobora kubabona n'amaso yacu ya kimuntu; ibintu vyo mw'ijuru dushobora kubibonesha amaso ya Mpwemu gusa. Amatwi ya Mpwemu yonyene ni yo ashobora kwumva ubwiza bw'amajwi yo mw'ijuru. «Umumarayika w'Uhoraho ashagaje impande zose z'abamwubaha, akabarokora.» Zaburi 34:7. Imana ituma abamarayika bayo gukiza ikiza abatoranijwe bayo, akabakingira «ikiza kigendagenda mu mwiza» «N'agatikizo kayogeza mu mashoka.» Zaburi 91:6. Kandi kenshi na kenshi abamarayika barayaze n'abantu nk'uko umuntu aganira n'umukunzi wiwe, maze babajana mu bibanza birimwo umutekano. Kenshi na kenshi amajambo y'abamarayika yasubije intege imitina y'abagororotsi yahororokewe, kandi bagakura ubwenge bwabo ku vy'isi, bakabafasha kubwo kwizera kuraba amakanzu yera, ingori, n'amashami y'intsinzi, abanesheje bazoronka igihe bazokikuza intebe nini yera y'ubwami.IN 79.2

    Ni igikorwa c'abamarayika kwegera abari mu mageragezvya, abababaye, abari mu bigeragezo. Bakora badahumeka ku bwo abo Kristo yapfiriye. Iyo abanyavyaha barongowe kwishikanira Umukiza, abamarayika badugana inkuru mw'ijuru, maze hakaba umunezero mwinshi mu ngabo zo mw'ijuru. «Mw'ijuru bazonezerwa batyo umunyavyaha umwe yihanye, bakamurutisha abagororotsi mirongo icenda n'icenda badakeneye kwihana.» Luka 15:7. Icegeranyo kijanwa mw'ijuru, c'akigoro kacu kose ko kwigizayo umwiua no gukwiragiza hose umuco wo kumenya Kristo. Ubwo ivyakozwe biratwa imbere ya Data, umunezero ushwara mu ngabo zose zo mw'ijuru. Abahambaye n'abakomeye bo mw'ijuru bariko bitegereza intambara, mu bihe bisa n'uko vyoca intege- abasuku b'Imana bariko bararwana. Uturere dusha turiko turagarurwa, ivyubahiro bisha bigacakirwa, ubwo Abakristo, bazuoguruka ibendera ru'Umukiza wabo, baja kurwana intambara nziza y'ukwizera. Abamarayika bose bo mw'ijuru bakorera abizera b'Imana bicisha bugufi; kandi uko ingabo z'abakozi b'Umwami hano kw'isi baririmba indirimbo zabo z'amashimwe, niko n'abaririmvyi bo mw'ijuru bifatanya nabo mu kuririmbira amashimwe Imana n'Umwana wayo.IN 80.1

    Dutegerezwa gutahura cane igikorwa c'abamarayika. Vyoba vyiza twibutse ko umwana w'Imana wese w'ukuri akorana n'ibiremwa vyo mw'ijuru. Ingabo zitaboneka z'umuriro n'ubushobozi zifasha aboroheje kandi baciye bugufi bizera kandi bakitabaza amasezerano y'Imana. Abakerubi n'abaserafi, n'abamarayika b'inkomezi zirengeye ubwenge, bahagaze i buryo bw'Imana, «bose ni impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubw'abazoragwa agakiza.» Abaheburayo 1:14.IN 80.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents