Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyakozwe N'intumwa

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 17: Abamamaza Inkuru Nziza

    Iki Kigabaiie Gishimikiye kti Vyakozwe n'Inttimwa 13:4-52.

    «Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera» Paulo na Barunaba, bamaze kurambikwako ibiganza n'abavukanyi i Antiyokiya, «baja i Seleyukiya, bavudukayo bari mu bwato bafata i Kupuro.» Uko niko intumwa zatanguye urugendo rwazo rwa mbere baja kuvuga ubutumwa. Kupuro cari kimwe mu bibanza abizera bari bahungiyemwo agahamo kakurikiye urupfu rwa Stefano. I Kupuro ni ho abantu bamwe bari bavuye baja muri Antiyokiya, «bababwira ubutumwa bwiza bw'Umwami Yesu.» Ivyakozwe n'Intumwa 11:20. Barunaba ubwiwe «yari yavukiye i Kupuro» Ivyakozwe n'Intumwa 4:36); ubu rero, we na Paulo baherekejwe na Yohana Mariko, incuti ya Barunaba, bagendera iryo zinga. Nyina wa Mariko yari yakiriye idini rya Kristo, kandi inzu yiwe i Yerusalemu yari ubuhungiro bw'abigisha. Aho na ntaryo bahaziga kwakirwa no kuharuhukira. Ni muri kimwe mu bihe intumwa zari zagendeye i muhira kwa nyina, Mariko yasavye Paulo na Barunaba ko bomwemerera akabaherekeza mu rugendo rwabo rwo kuja kuvuga ubutumwa bwiza. Yumvise Imana imugiriye ubuntu yifuza kwiyegurira igikorwa c'ubutumwa bwiza.IN 86.2

    Zishitse i Salamini, intumwa «zavuga ijambo ry'Imana mu masinagogi y'Abayuda.... Maze bashika i Pafo, basanga umugabo w'umunyamareba, uwuvugishwa w'ibinyoma, yari Umuyuda, izina ryiwe yitwa Bari-Yesu: yagendanira Serugiyo-Paulo, icegera ca Kayisari, umuntu w'ubwenge; uyo ahamagaza Barunaba na Sauh, ashaka kwumva ijambo ry'Imana. Ariko Eluma, uwo munyamareba (izina ryiwe niko risobanurwa) arabahaririza ashaka guhuvya ico cegera ngo nticizere.» Satani ntiyemera ko ubwami bw'Imana bwubakwa kw'isi hatabanje kuba intambara. Inkomezi z'ikibi zirwanya zidahengeshanya intumwa zatowe ngo zikwize hose ubutumwa bwiza, kandi izi nkomezi z'umwiza zikora cane cane iyo ukuri kubwiwe abantu b'icubahiro kandi b'abizigirwa. Niko vyagenze kuri Serugiyo-Paulo igihe yariko arumviriza ubutumwa bwiza. Ico cegera cari catumyeko intumwa, ngo cumve ubutumwa zari zifise, none ehe, inkomezi z'ikibi zikoreye muri Eluma, uwo murozi, zirondera ivyiyumviro bipfuye nabi ngo zimubuze kwizera, ngo gutyo ziburizeyo umugambi w'Imana. Uku ni ko wa mwansi yaguye akora na ntaryo ngo agumize mu ngabo ziwe abantu b'ijunja, bokomeje igikorwa c'Imana bahindutse bakizera. Ariko umukozi w'ubutumwa bwiza w'umwizigirwa ntakwiye gutinya ko yotsindwa n'umwansi; kuko afise amahirwe yo kwuzuzwa inkomezi zo mw'ijuru ngo ahangarane n'inkomezi zose za Satani.IN 87.1

    Naho yasagirijwe na Satani, Paulo yari afise ubushizi bw'amanga bwo gukankamira uwo umwansi yariko arakoreramwo. Iyo ntumwa, «yuzuye Mpwemu Yera,» «amuhanga amaso ati, Wewe wuzuye ubugunge bwose, n'ububi bwose, wa mwana w'umurwanizi we, wa mwansi w'ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z'Umwami Imana zigororotse? Nuko raba, ukuboko kw'Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n'umwiza bimwubikizako. Agenda azimagirika arondera uwomufata ukuboko. Ico cegera kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n'ivyo cigishijwe n'Umwami Yesu.»Uwo munyamareba yari yihumye amaso ngo ntiyemere ukuri kw'ubutumwa bwiza kugaragara, Umwami nawe n'ishavu ryera, amuhuma amaso y'umubiri, amubuza kubona umuco w'umurango. Urwo ruhumyi rw'igihe runaka, rwabaye kugira ngo yigishwe yihane, kandi arondere imbabazi z'Imana yababaje cane. Ubwo bwira ntibuce yashizwemwo bwahinduye ubusa amayeri yiwe yo kwankiriza inyigisho ya Kristo. Kubona vyabaye ngombwa ngo azimagirike vyabaye icemezo kuri bose ko ibitangaza intumwa zari zakoze, ivyo Eluma yari yavuze ko ari amayeri y'intoke gusa, vyari vyakozwe n'ubushobozi bw'Imana.Ico cegera, kinyuzwe n'ukuri kw'inyigisho z'intumwa, cakira ubutumwa bwiza.IN 87.2

    Eluma ntiyari umuntu yize, ariko yari ashoboye gukora igikorwa ca Satani. Abavuga ubutumwa bwiza bazohura n'uwo mwansi w'amayeri mu mashusho atari amwe. Rimwe na rimwe azoza mw'ishusho y'umuntu yize, ariko kenshi mu yo umuntu ataco azi, abantu Satani yigishije kuroranirwa mu kuba ibikoresho vyo kuyovya abantu. Ni igikorwa c'umukozi wa Kristo kwama arikanuye, atinya Imana kandi akoresha inkomezi zayo. Gutyo ashobora gutesha umutwe Satani kandi akamunesha mw'izina ry'Umwami Yesu. Maze Paulo n'abari kumwe nawe bavuduka i Pafo bari mu bwato, bafata i Peruga h'i Pamfiliya. Urugendo rwabo rwari ruruhije; bahuye n'ingorane n'ukubura ico bikorako, kandi basagirijwe n'akaga mu mpande zose. Mu bisagara no mu bigwati bacamwo, no mu mayira manini manini atarimwo abantu, bari bazungurutswe n'akaga kaboneka n'akataboneka. Ariko Paulo na Barunaba bari barize kwizigira ubushobozi bw'Imana bushobora kubarokora. Imitima yabo yari yuzuye urukundo bakunda imitima iri mu kaga. Nk'abungere b'abizigirwa barondera intama yazimiye, ntibigeze biyumvira ibibanezera n'ibiborohereza. Bariyibagira ubwabo, ntibadebukirwa iyo barushe, bashonje canke bakanye. Baraba intumbero imwe gusa-agakiza k'abazimiriye kure y'ubusho.IN 88.1

    Aha ni ho Mariko, azigirijwe n'ubwoba n'ugucika intege, yahungabanye akanya mu ntumbero yiwe yo kwitangira igikorwa c'Umwami n'umutima wiwe wose. Kubera atari amenyereye imiruho, yaciwe intege n'akaga n'ukubura icefo ca ruguru mu rugendo rwabo. Yari yakoze neza mu bihe vyiza; ariko noneho, mu ngorane n'akaga vyama bizigiriza umuntu atanguza igikorwa ahantu hashasha, yananiwe kwihanganira imiruho nk'umusoda mwiza w'umusaraba. Ariko yari akeneye kwiga guhangarana n'akaga n'agahamo, n'abansi afise umutima rugabo. Ubwo intumwa zabandanya urugendo, ni ko na none zahura n'ingorane zikomeye. Mariko nawe agatinya, akihebura, yanka gukomeza urugendo, asubira i Yerusalemu. Uku kwidohora kwatumye Paulo abona nabi Mariko, mbere aranamukarira mu gihe gito. Ariko Barunaba we yagerageje kumutahura kuko atari abimenyereye. Yababajwe no kuba Mariko yoheba igikorwa co kuvuga ubutumwa, kuko yamubonamwo ubumenyi bwotuma aba umukozi abereye Kristo. Mu myaka yakurikiye, kuba yashimye gukorana na Mariko vyamugiriye akamaro kanini, kuko uwo musore yitangiye Umwami n'igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwiza mu turere tugoye atiziganije. Ku bwo umuhezagiro w'Imana n'inyigisho za Barunaba, yavuyemwo umukozi w'agaciro.IN 88.2

    Mu nyuma Paulo yiyujuje na Mariko kandi amwakira nk'umukozi mugenziwe. Mbere yamuratiye abo i Kolosayi nk'uwo basangiye igikorwa» ku bwo Ubwami bw'Imana» kandi «yamumaze umubabaro.» Abo i Kolosayi 4:11. Kandi, gato imbere y'urupfu rwiwe, yavuze Mariko «nk'uwumufitiye akamaro mu gikorwa c'ibango ryiwe.» 2 Timoteyo 4 :11. Mariko amaze kugenda, Paulo na Barunaba bagendanye i Antiyokiya h'i Pisidiya, kandi kw'isabato binjira mw'isinagogi y'Abayuda, maze baricara. «Isomwa ry'ivyagezwe n'ivy'abavugishwa n'Imana riheze, abakuru b'isinagogi babatumako bati, Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanura abantu, ni murivuge.» Nuko ahawe akanya ngo avuge «Paulo ava hasi, arabamama, arababarira ati, Yemwe bagabo b'Isirayeli, namwe abubaha Imana, nimwumve.» Aherako atangura kuvuga ijambo ry'igitangaza. Aherako ababwira ivyo Imana yakoreye abayuda uhereye igihe yabavanye mu buja bwo mu Misiri, n'ingene Umukiza yasezeranywe, no mu ruvyaro rwa Dawidi, kandi ababwira ashize amanga ko «mu ruvyaro rw'uwo, nk'uko Imana yasezeranye, yazaniye Isirayeli Umukiza, niwe Yesu: ataraza, Yohana yigishije ubwoko bwose bw'Abisirayeli ukubatizwa kwo kwihana. Ariko Yohana ariko arasozera urugendo rwiwe, arababaza ati, Mbega mwiyumvira ko ndi nde? Jewe si ndi We. Mugabo, hari uwuzoza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura inkweto zo mu birenge vyiwe.» Ababarira n'ubushobozi ko Yesu ari Umukiza w'abantu, na Mesiya yavuzwe n'abavugishwa n'Imana.IN 88.3

    Amaze kuvuga ayo majambo, Paulo avuga ati, «Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry'ako gakiza ni twebwe ryatumweko. Kuko ababa i Yerusalemu n'abakuru babo batamwemeye, canke amajambo y'abavugishwa n'Imana asomwa uko Isabato itashe, nico gitucatumye bashitsa ivyo bavugishijwe, hamwe bamutsindisha.» Paulo ntiyakekeranije kuvuga yemanga ukuri kwerekeye ingene abakuru b'Abayuda banse kwakira Umukiza. «Naho babuze inyanduruko yo kumwicisha» iyo ntumwa niko ivuga, «basaba Pilato ko amwicisha. Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva. Ariko Imana iramuzura mu bapfuye: Mu misi myinshi abonekera abari baduganye nawe ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y'abantu.» Iyo ntumwa irakomeza iti, «Natwe turababwira ubutumwa bwiza bw'ivyasezeraniwe ba sogokuruza, yuko Imana yabishikije kuri twebwe abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi niko vyanditswe muri zaburi ya kabiri, ngo Uri ubura bwanje, uyu musi ndakuvyaye. Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw'iborero, yavuze itya, iti Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho. No muri zaburi yindi yavuze, ngo Ntuzotanga Uwera wawe ngo aze abore. Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivyo Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora. Ariko uwo Imana yazuye ntaho yigeze abora.»IN 89.1

    Maze noneho amaze kuvuga yemanga ivyashikijwe mu vyo abavugishwa n'Imana bari bamenyereye vyerekeye Mesiya, Paulo ababwira ivyo kwihana n'ukubabarirwa icaha biciye mu bikorwa vya Yesu Umukiza wabo. Ati, «ni mumenye ko muri uwo ariho mubwirirwa ivyo uguharirwa ivyaha : kandi niwe atsindanishiriza uwumwizera wese kuri vyose, ivyo mutashoboye gutsindanishirizwa n'ivyagezwe vya Mose.» Mpwemu w'Imana yaherekeje amajambo yavugwa, maze imitima igakanguka. Kubera amajambo y'iyo ntumwa yerekeza ku vyo abavugishwa n'Imana vyo mw'Isezerano rya Kera, akavuga ko ayo majambo yashizwe mu ngiro mu gikorwa ca Yesu Umunyanazareti, yatumye abantu benshi bahitamwo kwifuza kubona Mesiya yasezeranywe. Kandi amajambo yiwe y'ivyizigiro ko «inkuru nziza» y'agakiza yari igenewe Umuyuda n'umunyamahanga ku rugero rumwe yazaniye ivyizigiro n'akanyamuneza abo batari baharuwe nk'abana ba Aburahamu ku bwo umubiri. «Abayuda bamaze gusohoka mw'isinagogi, abanyamahanga barabinginga ngo ayo majambo aze avugwe no kw'isabato izoza.» Abari mw'isinagogi bamaze gusabagira, «benshi mu Bayuda bo n'abatoye idini yabo bakubaha Imana,» bakiriye inkuru nziza bashikirijwe kuri uyo musi, «bakurikira Paulo na Barunaba: nabo bayaga nabo, barabahanura ngo bashishikare kuguma mu buntu bw'Imana.»IN 89.2

    Umwete watewe n'amajambo Paulo yavugiye muri Antiyokiya h'i Pisidiya watumye kw'isabato ikurikira iyo, hakoranira «nk'abo mu gisagara bose... kwumva ijambo ry'Imana. Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakana ivyo Paulo avuze, barabicokora. «Nuko Paulo na Banmaba bavuga bashize amanga, bati, Vyari bibereye ko ijambo ry'Imana ribanza kubwirwa mwebwe; none ko murishibuye, mukibura ko mutabereye ubugingo budashira, ehe-e duhindukiriye abanyamahanga. Kuko Umwami Imana ariko yatubariye, ati Ndagushizeho ngo ube umuco w'abanyamahanga, kugira ngo n'abo ku mpera y'isi ubashikirize agakiza.» «Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, kandi bashimagiza ijambo ly'Imana: abari baragerewe ubugingo budashira bose barizera,» Baranezerwa cane kubona Kristo abemera nk'abana b'Imana, maze bumviriza ijambo ryavugwa bafise imitima yuzuye amashimwe. Abizera bari bafise umwete wo gushikiriza abandi ubutumwa bwiza, maze «ijambo ry'Umwami Yesu rikwira ico gihugu cose.» Mu binjana vyashize, ikaramu y'abavugishwa n'Imana yari yarerekanye iryo koraniro ry'abanyamahanga; ariko ayo majambo yavugishijwe yari yarirengagijwe. Hoseya yari yarabivuze ati, «Yamara amaherezo, igitigiri c'Abisirayeli kizongana nk'umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharurika; kandi ahantu babwiriwe, ngo Ntimukiri abantu banje, niho nyene bazobwirirwa, ngo Muri abana b'Imana nzima.» Kandi ngo: Ni jewe nzomwibibira mu gihuggu, kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantu banje, nti Muri abantu banje; nabo bazovuga, bati Uri Imana yacu.» Hoseya 1:10 ; 2:23.IN 90.1

    Umukiza wenyene ubwiwe, mu gikorwa ciwe hano kw'isi, yarabuye ikwiragizwa ry'ubutumwa bwiza mu banyamahanga. Mu mugani w'uruzabibu yabwiye Abayuda banse kwihana, ati «ubwami bw'Imana muzobwakwa, buhabwe ihanga ryama imbuto zabwo.» Matayo 21:43. Kandi amaze kuzuka yategetse abigishwa biwe kuja «mw'isi yose» kandi bagahindura amahanga yose abigishwa.» Nta n'umwe bategerezwa gusigaza ataburiwe, ahubwo bategerezwa «kwigisha ubutumwa bwiza icaremwe cose.» Matayo 228:19; Mariko 16:15.IN 91.1

    Guhindukirira abanyamahanga muri Antiyokiya h'i Pisidiya, ntivyabujije Paulo na Barunaba gukomeza gukorera Abayuda mu bindi bihande, ahashobora kuboneka abantu babumviriza. Mu nyuma, i Tesalonike, i Korinto, muri Efeso, no mu bindi bigwati bihambaye, Paulo na bagenziwe basangiye igikorwa, babwiye ubutumwa bwiza Abayuda n'abanyamahanga. Ariko inkomezi zabo nyinshi bazitumbereje mu kwubaka ubwami bw'Imana mu turere tw'abapagani. Mu bantu bari bafise ubumenyi buke canke batagira namba ubumenyi bw'Imana y'ukuri n'Umwana wayo. Imitima ya Paulo n'abo basangiye igikorwa yagiriye impuhwe ba bandi «batari bafise Kristo, bari batandukanye n'ihanga ry'Abisirayeli, n'abari kure y'amasezerano y'ivyasezeranywe, batagira ivyizigiro, kandi batagira Imana mw'isi.» kubwo igikorwa co kwitanga ata guhumeka intumwa zakoreye abanyamahanga, «abashitsi na bakavantara,» bari «rimwe na rimwe kure cane,» bamenye ko «bigijwe hafi n'amaraso ya Kristo,» kandi kubwo kwizera ikimazi ciwe c'impongano bagizwe «abasangiye ubwoko n'abera, bo n'abo mu ngoro y'Imana.» Abanyefeso 2:12,13,19.IN 91.2

    Uko yatera intambwe mu kwizera, Paulo yakoze adahumeka ngo yubake ubwami bw'Imana mu bari barirengagijwe n'abigisha muri Isirayeli. Na ntaryo yashize hejuru Kristo Yesu «nk'Umwami w'abami, n'uwuganza abaganza.»(1 Timoteyo 6:15), kandi yinginga abizera «gushinga imizi n'ukwubakwa muri We, bashikamishijwe n'ukwizera.» Ab'i Kolosayi 2:7.IN 91.3

    Kuri abo bizeye, Kristo ni umushinge utayegayezwa. Kuri iryo buye rizima, Abayuda n'abanyamahanga co kimwe bashobora kuhubaka. Riragutse bihagije kuri bose kandi rirakomeye bihagije ku buryo rishobora kwiremeka uburemere n'umutwaro w'isi yose. Ibi ni ibintu Paulo ubwiwe yatahuye neza. Mu misi ya nyuma y'igikorwa ciwe, igihe yavugana n'umugwi w'abizera bavuye mu banyamahanga bari bagumye mu rukundo rw'ukuri kw'ubutumwa bwiza, iyo ntumwa ibandikira, iti «Mwubatswe... ku mabuye y'itanguriro, ariyo ntumwa n'abavugishwa n'Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.» Abanyefeso 2:19, 20.IN 91.4

    Ubwo ubutumwa bwiza bwakwiragira i Pisidiya, Abayuda batizera bi Antiyokiya mu buhumyi bwabo bw'ivyiyumviro bigoramye «bosha abagore b'icubahiro n'abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntara yabo.» Intumwa ntizaciwe intege n'ubwo bubisha; bibutse amajambo y'Umwigisha wabo: Muzoba muhiriwe, aho bazobatuka bakabahama, bakabarementaniriza ibibi vyose babampoye. Munezerwe, muhimbarwe, kuko impera'zanyu ari nyinshi mw'ijuru : kuko ariko bahama abavugishwa n'Imana ba mbere.» Matayo 5:11, 12. Ubutumwa bwiza bwariko burakomeza urugendo, kandi intumwa zari zifise ikizitera intege. Ibikorwa vyabo vyari vyahezagiwe cane mu bantu bo muri Pisidiya na Antiyokiya, kandi abizera bari basize bonyene mu gihe runaka, «buzura akanyamuneza, na Mpwemu Yera.IN 91.5

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents