Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyakozwe N'intumwa

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 23: Beroya Na Atenayi

    Iki kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 17:11-34.

    I Beroya Paulo yahasanze Abayuda bifuza kugenzura ukuri yigishije. Amajambo yanditswe na Luka avuga kuri bo ati: «Abo bari imico myiza kuruta abo i Tesalonike, kuko bakiriye ijambo ry'Imana n'umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yuko ivyo ari ivyo ukuri. Nuko benshi muri bo barizera, n'abagore b'icubahiro b'Abagirikikazi n'abagabo batari bake.»Ubwenge bw'abantu b'i Beroya ntibwari bwarahumishijwe n'ivyiyumviro vy'ubuhumvyi. Baremera kugenzura ukuri kw'inyigisho z'intumwa. Bariga Bibihya, batabitewe no gusoma urusaku, ahubwo bifuza kwiga ivyari vyaranditswe kuri Mesiya yasezeranywe. Buri musi barasesangura ivyanditswe vyera, kandi uko bagereranya ivyanditswe n'ibindi, abamarayika bo mw'ijuru baba i ruhande yabo, bamurikira ubwenge bwabo kandi bakora ku mitima yabo. Aho hose ukuri kw'ubutumwa bwiza kuvugwa, abifuza gukora ibiroranye barongorwa kwiga neza Ivyanditswe. Iyo aba, mu misi irangiza ibihe vy'iyi si, abo babwirwa ukuri guhambaye bokurikiza akarorero k'Abanyaberoya, bagasesangura mu Vyanditswe buri musi, kandi bakagereranya ijambo ry'Imana n'ubutumwa bazaniwe, hobaye uyu musi abantu benshi bibohera ku mategeko y'ivyagezwe vy'Imana, mu mwanya wo kuba bake nk'uko biri muri iki gihe. Ariko, iyo ukuri kudahurumbirwa na benshi kwa Bibiliya gushikirijwe, benshi banka gukora ubwo bushakashatsi. Naho badashobora kuvuguruza inyigisho zigaragara z'Ivyanditswe Vyera, berekana ko badashaka kwiga ibimenyamenya bitangwa. Bamwe bavuga yuko naho izo nyigisho ari izo ukuri koko, ntaco bitwaye kwakira umuco musha canke kureka, mazebakibohera ku binyoma umwansi akoresha mu kuzimiza abantu. Gutyo rero ubwenge bwabo bugahumishwa n'ikinyoma, bagatandukana n'ijuru.IN 120.1

    Abantu bose bazocirwa urubanza hakurikijwe umuco baronse. Umwami arungikana Ivyariho vyiwe ubutumwa bw'agakiza, kandi azobabaza ingene bangenjeje amajambo y'Abashumba biwe. Abarondera ukuri ata buryarya barasesangura, bisunze umuco w'ijambo ryTmana, inyigisho bashikirizwa.IN 121.1

    Abayuda bahakanye Kristo b'i Tesalonike, bagiriye ishari n'inzigo intumwa, kandi nk'uko umengo batanyuzwe n'ukubirukana mu gisagara cabo, babakurikiranye i Beroya kandi babagumurirako abantu b'ibirandamuke bo muri banyarucari. Kubera gutinya ko bosimbira kuri Paulo igihe yoguma mu gisagara, bene Data bamurungitse i Atenayi, aherekejwe na bamwe mu Banyaberoya bari baherutse guhindukirira Imana. Nuko rero agahamo gakurikira abo bigiSha b'ukuri muri buri gisagara. Abansi ba Kristo ntibashobora kubuza ko ubutumwa bwiza buja imbere, ariko barashoboye kunaniza cane intumwa mu gikorwa cazo. Ariko n'ubwo babarwanije bakabananiza, Paulo yarakomeje, afise intumbero yo gushitsa umugambi Imana yamuhishuriye mu nzozi ari i Yerusalemu: «Nzogutuma kure ku banyamahanga.» Ivyakozwe n'Intumwa 22:21. Kuva i Beroya ihutihuti vyabujije Paulo akaryo ko kugendera bene Data b'i Tesalonike nk'uko yari yavyifuje.IN 121.2

    Ashitse i Atenayi, iyo ntumwa yarungitse bene Data b'i Beroya bajanye ubutumwa bashira Sila na Timoteyo ngo bihutire kumusangayo. Timoteyo yari yarigeze gushika i Beroya imbere y'uko Paulo agenda, kandi we na Sila bari bagumyeyo babandanya igikorwa cari catanguye yo, n'ukwigisha abizera basha amategeko y'uko kwizera. Igisagara ca Atenayi cari icicaro c'ubupagani. Aho ho Paulo ntiyahuye n'abantu ataco bazi bo muri banyarucari, nk'i Lusitira, ahubwo yahuye n'abantu rurangiranwa mu bwenge no mu mico kama. Ahantu hose harangwa n'ibishushanyo vy'imana zabo n'abantu rurangiranwa bo muri kahise n'abanditsi b'imvugo iryoboye, bafatwa nk'utumana, inyubakwa z'igitangaza n'amasanamu vyagaragaza ubwiza bw'igihugu n'ugusenga kwa gipagani kwakundwa n'abanyagihugu nka bose. Amaso y'abantu yasamazwa n'ugukayangana kw'utugenegene.IN 121.3

    Ahantu hose n'ibibanza vyeranda n'ingoro z'imana, vyatwaye amahera y'umurengera, haboneka ibishusho vyabo. Intsinzi zabo z'intambara n'ibikorwa vy'abantu bahambaye vyahimbazwa n'ibishushanyo, ibibanza vyeranda, n'inzandiko zo ku mabuye. Ibi vyose vyatuma Atenayi iba ihayiro ry'ubuhinga n'utugenegene. Paulo yihweje ubwiza n'icubahiro bimuzungurutse kandi akabona n'igisagara cihebeye ugusenga ibigirwamana, umutima wiwe wuzuye ifuhe ntangere ku bwo Imana, yabona ko ikengerewe ku mpande zose, maze umutima wiwe wuzura akagongwe ku bwo Abanyatenayi, batari bazi Imana y'ukuri, n'ubwo bari barize.IN 121.4

    Intumwa Paulo ntiyahenzwe n'ivyo yabonye muri ico gisagara c'ihuriro ry'incabwenge. Kamere yiwe y'ivya mpwemu yari ikomeye cane bihagije ku buryo yakwegwa n'umunezero w'ijuru, ubwiza n'ubutunzi bizohoraho ibihe vyose vyahinduye ubusa mu maso yiwe ubutunzi n'ugukayangana vyari hirya no hino. Ubwo yabona ubwiza bwa Atenayi, yatahuye ubushobozi butwara abantu bakunda ubumenyi n'utugenegene, maze atahura mu bwenge bwiwe igikorwa gihambaye cari kimurindiriye. Muri ico gisagara kinini, aho Imana itasengwa, Paulo yumvise irungu ryinshi, maze yifuza impuhwe n'ubufasha bw'abo bakorana.Ku bwo gukumbura abagenzi biwe, yiyumvise cane ko ari wenyene. Mw'ikete yandikiye Abo i Tesalonike, abivuga mu ri aya majambo, avuga uko yiyumva, «Tutagishoboye kwihangana, dushima gusigara muri Atenayi twenyene.» Intambamyi zasa n'umurengera zaje mu vyiyumviro vyiwe, bituma abona ko utwigoro twose yokora ngo ashikire imitima y'abantu twoba impfagusa.IN 122.1

    Igihe yari arindiriye Sila na Timoteyo, Paulo ntiyareze amaboko. «Yahaririye . . . n'Abayuda n'abubaha Imana mw'isinagogi, na mu kaguriro imisi yose aharira n'abamusangaho.» Ariko igikorwa nyamukuru ciwe muri Atenayi categerezwa kuzanira inkuru nziza y'agakiza ku bantu batiyumvira Imana n'umugambi wayo wo gukiza abantu baguye mu caha mu bwenge bwa kimuntu. Iyo ntumwa yari yiteze guhura n'ubupagani butagira uko buvugwa. Abantu bahambaye b'i Atenayi ntibatevye gutahura ko mu gisagara cabo hashitse umwigisha adasanzwe yigisha inyigisho nsha kandi z'ivyaduka. Bamwe muri abo bagabo basohokana Paulo batangura kuganira nawe. Bidatevye abantu babahundarako ngo bumvirize. Bamwe bari biteguye gusuzugura iyo ntumwa nk'umuntu ari hasi yabo, haba mu buryo bwo kubaho canke mu vy'ubwenge, maze babazanya bamutwenga ngo, «Uyu adedemba agomba kuvuga ibiki?» Abandi nabo, kuko «yavuga ubutumwa bwiza bwa Yesu n'ubwo ukuzuka,» bavuga ngo, «Umenga ni uwuzanye Imana z'ivyaduka.»IN 122.2

    Muri abo bahuye na Paulo mu kaguriro harimwo «abanyabwenge bitwa Abepikuriyo, n'abandi bitwa Abasitoyiko;» ariko, bo n'abandi bose bahuye nawe, babona bidatevye ko afise ubumenyi buruta mbere ubwabo. Inkomezi z'ubwenge bwiwe zatumye abo banyabwenge bamwubaha cane; ivyiyumviro vyiwe bitomoye n'ubushobozi bw'amajambo yiwe vyatangaje abantu bose bamumvirije. Batahuye ko atari umukungu, ahubwo ko ashoboye guhangarana n'imigwi y'abantu bose akoresheje amajambo yemeza mu nyigisho yigisha. Nuko iyo ntumwa ihagarara ata bwoba, avugana n'abamuhaririza akoresheje ivyiyumviro bitwaza, impari z'amajambo zihwana n'izindi, ubwenge buhwana n'ubundi, imvuzi ishwana n'iyindi.IN 122.3

    Abo bapagani bamuhaririza bamwereka ubushobozi bwa Socrate, bamwereka ko yapfuye azira ugushira imbere izindi mana, bahanura Paulo kutaroha ubugingo bwiwe mu nzira isa n'iyiwe. Ariko amajambo ya Paulo yakweze abantu, maze ubwenge bwiwe butagira agasembwa butuma bamwubaha kandi baratangarira. Ntiyahojejwe n'ubumenyi canke agahemo k'abanyabwenge, maze kugira ngo binezereze kuko babona yahisemwo gukora icamuzanye, maze ngo avuge inkuru ziwe, bahitamwo kumwumviriza neza. Nuko rero bamujana ahitwa Areyopago. Aho hari hamwe mu bibanza birabwa cane nka vyeranda muri Atenayi hose, kandi hari ivyibutso n'amashirahamwe y'abantu, vyatuma harabwa nk'ahantu heranda kandi hubahwa, mbere bamwe bakaharabana ubwoba. Aho niho abantu bamwe biyita abafise ijambo rya nyuma bakunda kurabira ibibazo bihambaye bijanye n'idini, imibereho canke imibano y'abanyagihugu.IN 123.1

    Aho rero, kubera hari kure y'urwamo, rw'ihuriro ry'abantu n'ibihari, iyo ntumwa yashobora kwumvirizwa ata kirogoya. Yakikujwe n'abanditsi b'abahinga, abanyatugenegene, n'abanyabwenge-abize n'inararibonye zo muri Atenayi, bamubajije: «Ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga uko ari kwo? Kuko utuzanye mu matwi ibintu vy'ivyaduka: None turagomba kumenya ivyo ari vyo.» Muri ico gihe gihambaye cane, iyo ntumwa ntiyataye umutwe. Mu mutima wiwe habogaboga ubutumwa buhambaye, kandi amajambo yavuye mu kanwa kiwe yemeje bose ko atagenzwa n'ukudedemba namba. Avuga ati,«Bagabo bo muri Atenayi, mbonye muri vyose ko mukabije mu kwubaha imana zanyu. Kuko aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n'igicaniro canditsweko, ngo Ico Imana Itazwi. Nuko iyo musenga mutayizi, ni yo ndababarira.» Naho bari bafise ubwenge n'ubumenyi muri rusangi, ntibari bazi Imana yaremye ijuru n'isi. Ariko kandi hari bamwe bifuza kuronka umuco uruta uwo bafise. Barondera gushikira Iyitagira iherezo. Aramvuye amaboko yerekeza ku rusengero rwuzuye ibigirwamana, Paulo avuga ibiri ku mutima vyose, kandi abereka ubupfu bw'idini ry'Abanyatenayi. Abarusha abandi ubwenge mu bamwumvirije baratangaye ubwo bumva ingene arangurura imvugo n'ivyumviro vyiwe. Yigaragaje nk'umuntu amenyereye ibikorwa vy’ ubukorikori bwabo, inzandiko, n'idini ryabo. Akubitije amaso ku bishushanyo n'ibigirwamana vyabo, yabemangiye ko Imana idashobora kugereranywa n'ibishushanyo bikozwe n'amaboko y'umuntu. Ivyo bishushanyo vy'ibibazano ntibishobora na gato kugereranya ubwiza bwa Yehova. Yabibukije ko ivyo bishushanyo bitagira ubugingo, ahubwo ko bitegekwa n'ububasha bw'umuntu, bikaja gusa aho amaboko y'abantu abijanye; abereka ko rero ababisenga barengeye ivyo basenga.IN 123.2

    Paulo yerekeje ubwenge bw'abamwumviriza basenga ibigirwamana kure y'idini ryabo ry'ibinyoma, abereka Imana nyakuri, iyo bise ngo ni «Imana itazwi.» Iyo noneho ababwira, ntaho ihwaniye n'umuntu, ntikeneye ubufasha bw'amaboko y'abantu ku bushobozi n'icubahiro cayo. Abantu baratangaye bumvise ingene Paulo arata kamere y'Imana nyakuri-ubushobozi bwayo bwo kurema n'ingene iri hejuru ya vyose. Mu majambo arangurutse kandi ari mu mvugo y'ubuhinga, iyo ntumwa yavuze, «Imana Rurema, yaremye isi n'ibirimwo vyose, iyo, kuko ari yo Mwami w'ijuru n'isi, ntiba mu nsengero zubatswe n'amaboko; kandi ntikorerwa n'amaboko y'abantu, nk'uwuri n'ico akenye, kuko ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka n'ibindi vyose.» Niba ijuru ridahagije ku Mana, mbega insengero zubatswe n'amaboko y'abantu zozo ni gute!IN 124.1

    Muri ico gihe carangwa n'amacakubiri n'ikumira, aho uburengazira bwa kiremwa muntu kenshi bwahonyangwa, Paulo yaberetse ukuri ko abantu bose bavukana, avuga ko Imana «yaremye amahanga yose y'abantu ibakuye mu muntu umwe, ngo basagaze mw'isi yose.» Mu maso y'Imana abantu bose barangana, kandi bategerezwa kugendera musi y'ubugombe ntangere bw'Umuremyi. Hanyuma iyo ntumwa yerekanye ingene, mu vyo Imana ikorera umuntu vyose, ico ishira imbere kuruta ibindi ari ubuntu n'imbabazi zayo. «Yashinze ibihe vy'imyaka ko bikuranwa uko yageze, icira abantu imbibe z'aho baba; kugira ngo barondere Imana, ngo namba kumbure bakabakavye boyibona, naho itari kure y'umuntu n'umwe muri twebwe.»IN 124.2

    Yerekeza ku vyiza biboneka iruhande yiwe, akoresha amajambo y'umwe mu bigeneye indirimbo wo muri bo, yerekana ko Imana ari Data wa twese, nabo bakaba abana biwe. Avuga ati «Muri Yo tubeshejweho, tukagenda, turi n'ubugingo, nk'uko bamwe mu bigeneye indirimbo banyu bavuze, bati Turi uruvyaro rwawe. Nuko rero, ko turi uruvyaro rw'Imana, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana isa n'izahabu, canke ifeza, canke amabuye, ivyabajwe n'ubuhinga n'ubwenge bw'abantu.» Nuko iyo misi y'ubutamenya, Imana yarayirengagije; ariko noneho, igera ko abantu bose aho bari hose bihana.» Mu myaka y'umwiza yabanjirije ukuza kwa Kristo, Umwami Imana yarirengagije ugusenga ibigirwamana kw'abapagani; ariko noneho, biciye mu Mwana wayo, yarungikiye abantu umuco w'ukuri; kandi yiteze ko bose bokwihana bagakizwa, atari gusa mu bakene n'aboroheje, ahubwo no mu banyabwenge, abahambaye n'abaganza b'isi. «Kuko yashinze umusi wo gucirako isi yose amateka y'ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c'ivyo, mu kumuzura mu bapfuye.» Bumvise paulo avuze ivyo ukuzuka mu bapfuye, «bamwe barishinyira: abandi nabo bati, Tuzoba turumva ukundi ivyo utubarira kuri ivyo.» Uku niko ibikorwa vy'iyo ntumwa vyarangiye i Atenayi, ihuriro ry'abanyabwenge b'abapagani, kuko abo muri Atenayi, bihambiriye ku gusenga ibigirwamana, batera umugongo umuco w'idini nyakuri. Iyo abantu banezerewe ivyo bashitseko mu nkomezi zabo, nta kintu c'ingirakamaro wobitegako. Naho biyemera ngo barize, abantu bo muri Atenayi bakomeza kwononekara mu ngeso, n'ukunyurwa n'amabanga y'ibigirwamana vyabo.IN 124.3

    Mu bumvirije amajambo ya Paulo harimwo abanyuzwe n'ukuri, ariko ntibashoboye kwicisha bugufi ngo bizere Imana kandi bakire umugambi w'agakiza. Nta bushobozi bw'amajambo, nta n'ivyiyumviro bihambaye vyoshobora guhindura umunyavyaha. Ubushobozi bw'Imana bwonyene ni bwo bwandika ukuri ku mutima. Umuntu akomeza gutera umugongo ubu bushobozi, ntashobora gukorwako n'ukuri. Abagiriki barondera ubwenge, ariko ubutumwa bw'umusaraba kuri bo bwari ubupfu, kuko bashize ubwenge bwabo bwite hejuru y'ubwenge buturutse mw'ijuru. Ubwibone bwo kwishimira ubwenge bwa kimuntu, ni ho havuye intambamyi yatumye ubutumwa butakirwa mu bantu b'i Atenayi. Abanyabwenge b'isi bazokwegera Kristo nk'aboro n'abanyavyaha bazimiye, bazohinduka abanyabwenge bo gukizwa; ariko abo baza nk'abantu badasanzwe, biratira ubwenge bwabo, ntibazoronka umuco n'ubumenyi Imana yonyene ishobora gutanga.PauIo yahuye n'ubupagani bw'igihe ciwe. Ibikorwa vyiwe muri Atenayi ntivyabaye impfagusa. Diyonisiyo, umwe mu banyagihugu bamenyekana, hamwe n'abandi, barakiriye ubutumwa bwiza kandi bifatanya n'abizera. Ijambo ryahumetswe n'Imana ryaduciriye ku mayange ivyerekeye ubuzima bw’ Abanyatenayi, bari bazi vyinshi, abanyabwenge, bazi utugenegene, ariko badobereye mu kibi, ngo tubone ingene Imana iciye mu mushumba wayo, yakankamiye ugusenga ibigirwamana, ivyaha vy'ubwibone, n'ukwikunda kw'abo bantu. Amajambo y'iyo ntumwa, n'ingene avuga uko yabonye abo bantu n'igisagara cabo, nk'uko vyandditswe bihumekewe na Mpwemu, vyategerezwa guhererekanwa mu ruvyaro rwose ruzoza, ngo bibe igishingantahe c'ukudahugumba n'ubushizi bw'abanga bwiwe ari wenyene hagati y'abamuvuguruza, n'intsinzi yaronse ku bwo Abakristo bose hagati y'abapagani.IN 125.1

    Amajambo ya Paulo yuzuye ubutunzi bw'ubumenyi kw'ishengero. Yari mu kiringo vyari vyoroshe gushavuza abo bantu bamurwanya buzuye ubwibone, maze bikamuteza ingorane. Iyo amajambo yiwe akora mu jisho imana zabo n'abahambaye b'ico gisagara, yari kuja mu kaga bakamugira uko bagize Socrate. Ariko yakoresheje ubwenge bukomoka ku rukundo rw'Imana, yazanye yitonze ubwenge bwabo abukura ku mana za gipagani, mu kubahishurira Imana nyakuri, iyo batari bazi.Uyu musi ukuri kwTvyanditswe Vyera gutegerezwa kuvugirwa imbere y'abantu bahambaye b'iyi si, kugira ngo bahitemwo hagati yo kwumvira ivyagezwe vy'Imana n'ukwumvira Sekibi. Imana ishira ukuri imbere yabo-ukuri kuzobaha ubwenge bushikana ku gakiza, ariko ntibategeka kukwakira ku nguvu. Iyo bateye umugongo ukuri, irabareka bakajana inzira zabo, ngo bazimbure ivyamwa vy'ibikorwa vyabo. Kuko ijambo ry'umusaraba ku bahona ari ubupfu, ariko kuri twebwe abakizwa ni ubushobozi bw'Imana. Kuko handitswe ngo, Nzohonya ubwenge bw'abanyabwenge, n'ubuhanga bw'abahanga nzobuhindura ubusa.» «Imana yatoranije ibipfu vyoIN 125.2

    mw'isi, ngo imaramaze abanyabwenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw'isi ngo imaramaze ibikomeye; kandi n'ivyoroheje vyo mw'isi, n'ibikengerwa, mbere n'ibitariho, Imana yarabitoranije ngo ititure ibiriho.» 1 Ab'i Korinto 1:18, 19, 27, 28. Benshi mu banyabwenge n'abategetsi b'ibihugu, abahambaye bo muri iyi si, mu misi y'imperuka bazotera umugongo umuco kubera ubwenge bw'isi butazi Imana. Ariko abashumba b'Imana bategerezwa kurondera akaryo kose gashoboka ngo bashikirize ukuri abo bantu. Bamwe bazokwemera ko batazi ivy'Imana kandi bazofata ikibanza cabo maze bige nk'abigishwa biyoroheje ku birenge vya Yesu, Umwigisha w'Abigisha. Mu kigoro kose ko gushikira abantu bo mu vyiciro vyo hejuru, umukozi w'Imana akeneye ukwizera gukomeye.IN 126.1

    Ivyo amaso abona bishobora gusa n'uko vyoba intambamyi, ariko mu gihe c'umwiza w'umuzitanya, hari umuco uva hejuru. Inkomezi z'abakunda kandi bagakorera Imana zizoba nsha umusi ku musi. Ugutahura kwTmana itagira iherezo kuri mu maboko yabo, kugira ngo ntibihende igihe bashitsa imigambi yayo. Reka abo bakozi bumire ku kwizera kwabo kuva ku ntango gushika kw'iherezo, bibuka ko umuco w'ukuri kw'Imana utegerezwa gukayangana hagati y'umwiza utwikiriye isi yacu. Nta kwihebura gutegerezwa kuba mu gikorwa c'Imana. Ukwizera kw'umukozi yitanze gutegerezwa kwihanganira ikigeragezo cose. Imana irashoboye kandi yifuza guha abashumba bayo inkomezi zose bakeneye, no kubaha ubwenge bakeneye mu bihe vyose. Izokora n'ibirengeye ivyo abamwizeye biteze.IN 126.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents