Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikjgabane Ca 31 - Abakozi B’impwemu Zizimiza

    Ugushikirana hagati y’ibiboneka hamwe n’ibitaboneka, igikorwa c’abamarayika b’Imana hamwe n’igikorwa c’ impwemu ziyovya, birashirwa ahagaragara mu Vyanditswe, kandi bifitaniye isano yimbitse na kahise k’umuntu. Abantu batera bareka kwemera ko hariho impwemu mbi mu gihe abamarayika bera “batumwa gukora igikorwa kubw’abazoragwa agakiza ?” (Abaheburayo 1:14) babonwa na benshi nk'uko ari mpwemu z’abantu bapfuye. Ariko rero uretse ko Ivyanditswe bitigisha gusa ko hariho abamarayika, beza na babi, hamwe n’ivyo, biratanga ikimenyamenya kidasubirwako ko bose atari impwemu zitambaye umubiri z’abantu bapfuye.IB 361.2

    Imbere yuko Imana irema umuntu abamarayika bariho; kuko aho amatanguriro y’isi yashirwaho, ni co “gihe inyenyeri zo mu gaturuturu zaririmbira hamwe, n’abana bimana bose bagasesereza impundu ?” (Yobu 38 : 7) Umuntu amaze kurwa mu caha, abamarayika barungitswe gucungera igiti c’ubugingo, kandi ibi vyakozwe imbere yuko umuntu apfa. Kubwo akarangamutima kabo, abamarayika bari ku rwego rwo hejuru y’abantu, kuko umunyezaburi avuga yuko umuntu yaremwe “aba musi y’abamarayika gato.”(Zaburi 8:5)IB 361.3

    Mu Vyanditswe turahasanga ibijanye n’igitigiri, ubushobozi n’icubahiro vy’ababa mw’ijuru; uruhara bafise mu ntwaro yimana, hamwe n’ico bajejwe mu mugambi wo gucungura umuntu “Uhoraho yahamangiye intebe yiwe mw’ijuru : ubwami bwiwe buganza vyose.” Kandi uwavugishwa nimana agira ati: Ndaraba, “Numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe.” Imbere y’inyonga z’Umwami w’abami, abamararayika barashagaje barindiriye - “abamarayika, bo banyenkomezi nyinshi”, “bo basavyi biwe bakora ibimuhimbara”, “bo bashikisha ijambo ryiwe” (Zaburi 103 : 19-21; Ivyahishuriwe Yohana 5:11) Umuhanuzi Daniyeli yabonye intumwa zo mw’ijuru ibihumbi n'ibihumbi, amasinzi n’amasinzi. Intumwa Paulo avuga ko “ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika”(Abaheburayo 12:22) “Nk’intumwa z’Imana zirangura amabanga yazo “zikimirana zisa n’imiravyo irabagiza “(Ezekiyeli 1:14), icubahiro cazo giteye igomwe kandi zigurukana ubunyarutsi. Wa mumarayika yaseruka ku mva ya Yesu ” Ishusho yiwe isa n’umuravyo, impuzu ziwe zera nka shelegi” (Matayo 28:3,4), ubwoba yateye abararirizi bwabashize mu gatengo, bamera nk’abapfuye. Igihe Senakeribu umu ashuri yibona yagirije Imana kandi akayirogotako, maze agatera Isirayeli ubwoba bwo kuyisambura “Mur’iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho yarasohotse, atera insago z’abashuri ,yicamwo ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu.”Habayeho “agatikizo k’abahizi bose n’abakuru n’abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, aho bari bashagaje.” ” Nuk’uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amaramaye.”( 2 Abami 19:35, 2 Ingoma 32:21)IB 361.4

    Abamarayika bararungikwa mu gikorwa c’imbabazi ku bana b’Imana. Barungitswe kuri Aburahamu bafise amasezerano y’imihezagiro; barungitswe ku marembo ya Sodomu ngo bakize umugororotsi Loti ntatikirire muri ico gisagara; barungitswe kuri Eliya mu gihe yari hafi yo guhitanwa n’umwiheburo hamwe n’inzara vyo mu bugararwa; barungitswe kuri Elisa mu mukogote n’amafarasi y’umuriro vyari bikikuje igisagara gitoya aho yari ageramiwe n’abansi; barungitswe kuri Daniyeli, mu gihe yariko arondera ubwenge bwo mw’ijuru ari ku kirimba c’umwami w’umupagani, n’aho bari bamurekuriye mu vyara vy’intambwe ngo zimutabagure; barungitswe kuri Petero, yari yakatiwe urubanza rwo gupfa, yashizwe mw’ibohero na Herode; barungikiwe abari babohewe i Filipi; barungikiwe Paulo na bagenzi biwe muri rya joro ry’igihuhusi bari mu kiyaga; barungitswe kwungura ubwenge Koruneliyo ngo yakire ubutumwa bwiza; barungitswe kuri Petero ngo ashire umusoda w’umunyamahanga ubutumwa bw’abagakiza - uko ni ko abamarayika, mu myaka yose, bafashije abantu b’Imana.IB 362.1

    Umuntu wese akurikira Kristo yarahawe umumarayika amurinda. Izi nderetsi zo mw’ijuru zirakingira abagororotsi ubushobozi bw’ibitero vya wa mubi. Ibi ni vyo Satani yiyemereye we ubwiwe hamwe yavuga ati: “Mbeg’ugira ngo Yobu yubahira Imana yiwe ubusa ? Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe n’ivyatunze vyose ?” (Yobu 1:9, 10) Igikoresho c’Imana mu gukingira abantu bayo gishirwa ahagaragara n’umunyezaburi muri aya majambo: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.’’(Zaburi 34:7) Umukiza ariko aravuga ivyo abantu bamwizera, yashikirije aya majambo: “Mwirinde ntimukengere umwe muraba bana bato: ndababwira yuko mw’ijuru abamarayika babo bama baraba mu nyonga ha Data wo mw’ijuru.”( Matayo 18:10). Abamarayika bagenwa ngo bafashe abana b’Imana bama igihe cose bishikira mu nyonga zayo.IB 362.2

    Uko ni ko abantu b’Imana babangamirwa igihe cose n’ubushobozi bw’ikinyoma hamwe n’ubugizi bwa nabi butigera butanga agahengwe bw’uwo mutware w’umwiza, kandi kubwo kwama na ntaryo bahanganye n’ubushobozi bwose bw’ikibi, bama baronse uburinzi budahagarara bw’abamarayika bo mw’ijuru. Ubwo burinzi butangwa kubera yuko bukenewe. Nimba Imana yarahaye abana bayo isezerano ry’ubuntu hamwe no kubakingira, ni ukubera yuko hariho ibikoresho bikomeye vy’umwansi vyo guhangana na vyo, - ibikoresho vyinshi, bifise ishaka, bitaruha; kandi ukwiyorobeka n’ubushobozi bwa vyo, nta n’umwe yovyiyobagiza canke yovuga ngo ntavyo arumva.IB 362.3

    Mbere na mbere impwemu mbi zari ivyaremwe bitacumuye, binganya akarangamutima, ubushobozi n’icubahiro n’ivyaremwe vyeranda bikora ubu nk’intumwa z’Imana. Ariko kubwo kugwa kubera ivyaha, vyagize urunani kugira ngo bimaramaze Imana kandi vyankirize abantu. Kubwo kwifatanya na Satani mu mugumuko wiwe, kandi bakaba barirukananywe mw’ijuru, bakoranye na we mu rugamba yasomborokeje arwanya ubutegetsi bw’Imana, uko imyaka yagiye irakurikirana. Ivyanditswe biratubwira ingene bari bunze ubumwe n’ingene batwara, imigwi itandukanye bari bagize, ubwenge bwabo hamwe no kwiyorobeka, hamwe n’imigambi yabo mibi yo kurwanya amahoro n’umunezero w’abantu.IB 363.1

    Isezerano rya kera riravuga rimwe na rimwe ivy’ukubaho kw’impwemu mbi n’ico zikora; ariko mu gihe Kristo yari kw’isi ni ho impwemu mbi zerekanye ubushobozi bwazo mu buryo busiga ubwenge. Kristo yari yaje gushira mu ngiro umugambi wo gucungura umuntu kandi Satani nawe yumva afise uburenganzira bwo kugenzura isi. Yari yarashoboye gukwegera abantu mu gusenga ibigirwamana ahantu hose kw’isi uretse gusa muri Palestine. Kuri ico gice c’isi conyene umugwanizi atari yashoboye kwigarurira,Kristo yari yaje kubamurikishiriza umuco wo mw’ijuru. Aha ni ho ubutegetsi bubiri bukebana bwarondera, bumwe bwose ku giti cabwo, kuharamutswa. Yesu yariko aramvurira abantu amaboko yiwe y’urukundo, atumira abo bose bari bipfuza kuronka imbabazi n’amahoro muri we. Abatware b’umwiza babonye yuko ubushobozi bwabo ku bantu bufise aho bugarukira, kandi batahuye yuko mu gihe Yesu yoshika ku ntumbero y’igikorwa camuzanye mw’isi, ubutware bwabo bwari kuba burangiye. Satani yatwawe n’ishavu nk’intare iziritse maze atangura kwerekana ubushobozi bwiwe mu buryo bwo gusomborotsa, ku mibiri no ku mitima y’abantu.IB 363.2

    Inkuru y’uko abantu bagiye barafatwa n’abadayimoni yarashizwe ahagaragara mw’Isezerano risha. Abantu baba batewe muri ubwo buryo ntibafatwa gusa n’indwara zifise ico zavuyeko kizwi. Kristo yari azi neza ico bariko baranyinyurana ico ari co, kandi ntiyakekeranije mu kuvuga ko ari igikorwa c’impwemu mbi kiriko kiriyerekana.IB 363.3

    Akarorero gateye ubwoba k’igitigiri cazo, ubushobozi hamwe no kugira nabi kwazo; hamwe kandi n'ubushobozi n’imbabazi za Kristo, karaboneka mu Vyanditswe mu nkuru yo gukiza abantu bari bafashwe n'amadayimoni i Gadara. Abo bantu bagowe, batashobora kubohorwa, ata muntu n'urn we bumvira, barigonyonzora, bakabimba ifuro mu kanwa, bagakoma akaruru kagakwira hose, bakikomeretsa kandi bagatuma abantu bose babegera babona ko ubuzima bwabo bugeramiwe. I mibiri yabo yuzuye amaraso kandi yakomeretse, indabo yabo iteye ubwoba, ni vyo umuganwa w’umwiza yishimira kubona. Umwe mu badayimoni bari bigaruriye abariko barababazwa yavuze ati:« Gitero ni ryo zina ryanje kuko turi benshi.” (Mariko 5 :9) ». Mu gisoda c’abaromani, “lejiyo” yari igizwe n’abasoda hagati y’ibihumbi bitatu na bitanu. Ingabo za satani nazo ziri mu mirwi, kandi umurwi muto abo badayimoni baba barimwo nturi munsi ya “lejiyo”.IB 363.4

    Kubwo itegeko rya Yesu ayo madayimoni yaravuye muri abo bantu yari yafashe, abasiga bicaye mu gacerere ku birenge vya Yesu, bagamburutse, bafise ubwenge kandi barangwa n’ikinyabufura. Ariko izo dayimoni zari zemerewe guhindira mu kiyaga ubusho bw’ingurube. Kandi ku banyagihugu b’i Gadara , ukubona ingurube zabo zitikirira mu mazi ni vyo vyari bifise uburemere kurusha imigisha Kristo yari yatanze mu gukiza bamwe bari bafashwe na dayimoni ; baciye basaba ko uwo mukiza yarungitswe n’ijuru yobavira mu gisagara. Ico nyene ni co Satani yipfuza. Mu kwagiriza Yesu ko uruhombo bari bagize ari we yari arubateye, yakabuye ubwoba bwo kwikwegerako abantu bari bafise, maze aca ababuza kwumviriza amajambo yiwe. Satani yama yagirije abakristo ko ari bo batuma habaho uruhombo, ivyago n’imibabaro, aho kwiyagiriza we ubwiwe n’abo akoresha - kuko ari we nkomoko y’uruhombo rwose.IB 363.5

    Ariko rero, intumbero ya Kristo ntiyaburabujwe - yemeye ko mpwemu mbi zihonya ubusho bw’ingurube kugira ngo ahambarire abayuda borora ivyo bikoko bihumanye babironderamwo inyungu. Iyo Kristo adafata mpiri abo badayimoni, bari guhonereza mu kiyaga uretse ingurube zonyene; ariko n’abari baziragiye hamwe na ba nyenezo, bari guhererayo. Ubushobozi bwiwe bwonyene ni bwo bwakingiye abari baziragiye hamwe na ba nyene zo; yabukoresheje n’imbabazi nyinshi kugira ngo abakize. Hamwe n’ivyo, ibi vyashitse kugira ngo abigishwa bibonere ubwabo ingene ubushobozi bwa Satani bugirira nabi abantu hamwe n’ibikoko. Umukiza yipfuza ko abamukurikiye bamenya neza umwansi yari abahanze, kugira ngo ntibaze bahendwe canke ngo baneshwe n’uburyarya bwiwe. Ikindi kintu yipfuza kwari uko abantu bo muri ako gace babona ingene ubushobozi bwiwe bucagagura imigozi ya Satani maze bugaha umwidegemvyo abo yugaraniye mu buja. Naho Yesu yavuye muri ako gace, abantu bari bakize ku buryo butangaje, bo bagumye ngaho kugira ngo bashingire intahe umukiza wabo.IB 364.1

    Hariho ibindi bitangaza bisa nk’ico biboneka mu Vyanditswe. Umukobwa w’umugore w’i Sirofoyinike yari yinjiwemwo n’impwemu ihumanye Yesu yasenze akoresheje ijambo ryiwe. « Impumyi y’ikiragi yinjiwemwo na dayimoni » (Matayo 12 : 22) », umwana yari yinjiwemwo n’impwemu y’ikiragi ; aho imufatiye hose, « imutura mu muriro no mu mazi ngw’imwice» (Mariko 9: 17-27); Umuntu yari yinjiwemwo «n’impwemu zihumanye » (Luka 4: 34-36) ; vyahungabanije umutekano w’i sinagogi y’i kaperinawumu kw’i Sabato - bose bakijijwe n’Umukiza yuzuye imbabazi. Muri utwo turorero twose Kristo yakankamiye umudayimoni nk’ikintu gifise ubwenge, ayisaba ko isohoka mu muntu yinjiyemwo ntiyongere kumucunaguza. Abari baje gusenga i Kaperinawumu babonye ubushobozi bwiwe buhambaye, «Bose baratangara, barabazanya bat’iryo n’ijambo ki? N’ububasha, n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka. »(Luka 4 :36)IB 364.2

    Abari binjiwemwo n’impwemu mbi berekanywe kenshi bari mu mubabaro udasanzwe, ariko bose ntivyabagendeye cokimwe. Mu kurondera kugira ubushobozi burengeye kamere, bamwe baraha ikaze ubwaku bwa Satani kuri bo. Ubwaku nk’ubwo ntibuhushanye n’abadayimoni. Abo bwabonetseko ni abari barangwa n’agatima ko gupfumura. Simoni Magusi, umurozi Ehimasi hamwe n’umwigeme yomye inyuma Paulo na Sila i Filipi.IB 364.3

    Nta muntu n’umwe ageramiwe n’impwemu mbi kuruta abo birengagiza igishingantahe kidaca i ruhande kandi gikwiye dusanga mu Vyanditswe, bagahakana ko umurwanizi hamwe n’abamarayika biwe bariho kandi ko bakora. Igihe cose tutaba tuzi ubuhendanyi bwo mu rwego rwo hejuru bwiwe, aca aharonkera akarusho kandasanzwe; benshi bagendera ku nama abaha mu gihe biyumvira yuko bariko bakurikiza ico ubukerebutsi bwabo bubategeka. Iki ni co gituma, mu gihe twegereza iherezo ry’ibihe, aho Satani ategerezwa gukoresha ubushobozi burenze urugero kugira ngo ahende abantu kandi abaherengeteze, akwiragiza ahantu hose ko atabaho, abantu bakavyizera. Uko niko yinyegeza abantu mbere ntibanamenye n’ukuntu akora.IB 364.4

    Nta kintu na kimwe uwo murwanizi atinya cane nko kubona abantu batahuye ubuhendanyi bwiwe. Kugira ngo anyegeze kamere yiwe y’ukuri hamwe n’imigambi yiwe, yararetse abantu bakamwerekana afise ishusho ituma habaho kwitwengera canke bamukengera. Biramuhimbara iyo abona abantu bamugereranya nk’umuntu w’ikimaramare canke wo kugendera kure, ku ruhande rumwe wogira ngo ni umuntu ku rundi naho, ukaba wogira ngo ni igikoko. Biramuhimbara kubona abantu biyumvira ko bazi ubwenge kandi bafise ubumenyi buhagije, bafata izina ryiwe bakarivuga biyorohereza canke barikengera.IB 365.1

    Ni ukubera ko yinyegeje we ubwiwe akoresheje ubuhinga bwo hejuru ku buryo wumva hirya no hino babaza iki kibazo : « Ariko ikiremwa nk’ico kirabaho ? ». Ikimenyamenya ko yashitse ku mugambi wiwe ni uko inyigisho ziciye kubiri n’ivyo ivyanditswe bivuga ku buryo bwuzuye, zihabwa ikaze muri rusangi n’abanyamadini. Kandi ni n’ukubera ko Satani yama yiteguye kwigarurira ivyiyumviro vy’abo bibwira ko atabaho. Ijambo ry’Imana ritanga uburorero bwinshi bw’ukuntu akora mu buryarya, rikatugaragariza ubushobozi bwiwe bunyegejwe, maze gutyo rikatugabisha ngo duhangane n’ibitero vyiwe.IB 365.2

    Ubushobozi n'ubugizi bwa nabi vya Satani hamwe n’ingabo ziwe vyodutera ubwoba tukumva ko tugeramiwe mu gihe tutoba twaremerewe kuronswa uburinzi n’ubukiriro ku birenge vy’Umucunguzi wacu ahambaye. Turitwararika gukingira amazu yacu dukoresheje amagufuri n’inzugi zikomeye kugira ngo abantu hamwe n’ivyo dutunze tubikingire abagizi ba nabi; ariko twiyumvira gake abamarayika babi bama barondeye kutugirako ubwaku, kandi twama twahanganye n’ibitero vyabo mu nguvu zacu, ata buryo na bumwe bwo kwirwanirira dufise. Hamwe bobirekurirwa, bosanzaza ivyiyumviro vyacu, bakonona kandi bakababaza imibiri yacu, bagasambura ivyo dutunze hamwe n’ubuzima bwacu. Ikibanezereza conyene ni ukubona hariho imibabaro n’imisakamburira. Abo bose baca kubiri n’ivyo Imana isaba maze bakemera guhendwa na Satani, gushika aho Imana ibavirira bakaja musi y’ubushobozi bw’impwemu mbi, baragowe. Ariko abo bakurikira Kristo bama igihe cose bakingiwe, bari musi y’uburinzi bwiwe. Abamarayika bafise inguvu zikwiye bararungikwa bavuye mw’ijuru kubakingira. Umubi ntashobora kumena uruzitiro Imana yakingirije abantu bayo.IB 365.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents