Ikigabane ca gatandatu: Itegeko Ngenderwako
Ivyagezwe Cumi
Amategeko y'lmana yatangajwe icese ku musozi Sinayi-lnyuma y'aho Imana ihereye Abisirayeli ibimenyamenya bingana uko vy'ubushobozi bwayo, ibabwira uwo iri we iti: “Nd'Uhoraho Imana yawe yagukuye muri Egiputa mu nzu y'ubuja.” lyo Mana yahishuye ubushobozi bwayo mu Banyegiputa ivuga ivyagezwe vyayo:IY 37.1
“Ntukagire izindi mana umbangikanya. “Ntukibazire igishushanyo cank'igisa n'ishusho-y'ikintu kiri hejuru mw'ijuru, canke hasi kw'isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuze uvyikubite imbere ntuze ubisabe. Kuko jewe, Uhoraho Imana yawe, nd'lmana ifuha, mpora abana ibigabitanyo vya ba se nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw'abanyanka, nkagirira ikigongwe abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje.IY 37.2
Ntukapfe kuvuga izina ryanje jewe Uhoraho Imana yawe kuvy'ubusabusa, kuko kuko uworivuga kuvy'ubusabusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhora.IY 37.3
Wibuke kuziririza umusi w'lsabato. Mu misi itandatu uze ukore abe ariyo'ukoreramwo ibikorwa vyawe vyose, ariko umusi ugira indwi ni wo Sabato yanje jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo: wewe ubwawe, canke umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, cank’umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka zawe, cank’indogoba zawe, cank’uwinyambukira aba iwawe. Kuko mu misi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemwo ijuru n'isi n'ikiyaga, n'ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi. Ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w'lsabato nkaweza.IY 37.4
Wubahe so na nyoko, kugira ngo urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.IY 38.1
Ntukice.IY 38.2
Ntugasambane.IY 38.3
Ntukibe.IY 38.4
Ntukagirize ibinyoma mugenzawe.IY 38.5
Ntukipfuze inzu ya mugenzi wawe; ntukipfuze umugore wa mugenzi wawe, cank’umugurano wiwe, cank'umuguranokazi wiwe, cank'inka yiwe, cank'indogoba yiwe, cank'ikindi kintu cose ca mugenzi wawe.”IY 38.6
Icagezwe ca mbere n'ica kabiri Yehova yavuze birwanya ugusenga ibigirwamana, kubera ko gusenga ibigirwamana bishobora kujana abantu gutanga ibimazi vy'abantu. Imana igomba gukinga ko abantu bonegereza ibizira bisa n'ivyo na gato. Ivyagezwe bine vya mbere vyatanzwe kugira vyerekane ico abantu basabwa imbere y'lmana. Icagezwe ca kane n'umugozi uhuza Imana n'abantu. Isabato mu buryo bwisa yatanzwe ku nyungu y'umwana w'umuntu hamwe no guha icubahiro Imana. Ivyagezwe bitandatu vya nyuma vyerekana ivyo umuntu asabwa ku wundi.IY 38.7
Isabato cari kigiye kuba ikimenyetso hagati y'lmana n'abantu bayo ibihe vyose. Gurtyo rero cari kigiye kuba ikimenyetso-abantu bose bazokwubahiriza Isabato bakaba berekanye mu kubikora ko basenga Imana nzima, umuremyi w'ijuru n'isi. Isabato cari kigiye kuba ikimenyetso hagati y'lmana n'abantu bayo igihe cose Imana izoba igifise abantu kw'isi bo kuyikorera.IY 38.8
“Abantu bose bumvise ya mituragaro, babonye nay a miravyo, bumvise n'ijwi rya ya nzamba, babonye na wa musozi upfunduka umwotsi, baterwa n'ubwoba bahinda agashitsi, barasuha bahagarara kure. Babwira Mose, bati: Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: ariko Imana yoye kuba ariyo itwibaririra, ntiduhave dupfa.IY 38.9
Mose yishura abantu, ati: Ni muhumure: kuko Imana ije kubagerageza, kugira ngo igitinyiro cayo came imbere yanyu, mwoye gukora icaha. Nuko abantu baguma ngaho aho bahagaze kure, ariko Mose yegera wa mwiza w'umuzitanya ah'lmana iri.IY 39.1
Uhoraho abarira Mose, ati: uku abe ariko ubarira Abisirayeli, ut'Ubwanyu muriboneye ko avuganye namwe ari mw'ijuru.” Ukubaho kw'igitinyiro c'lmana kuri Sinayi hamwe no gutigita kw'isi kwazanywe n'ukubaho kwayo aho hantu, imituragaro iteye ubwoba hamwe n'imituragaro vyaherekeje urwo rugendo rw'lmana, vyarashitse cane ubwenge bw'abantu buzura ubwoba n'igitinyiro kubw'icubahiro cayo maze bagasuha bahunga ukubaho kw'igitangaza kw'lmana, batinya ko bamwe batohava bashobora guhagarara imbere y'ubwiza bwayo nk'ubwo buteye ubwoba.IY 39.2
Akaga ko gusenga ibigirwamana-Vyongeye, Imana yagomba gukingira Abisirayeli gusenga ibigirwamana. Irababwira, iti: “Ntimuze mugire ikindi kintu ngo kibane nanje-ntimuze mwibazire imana z'ifeza n'izahabu.” Bari mu kaga ko kwigana uburorero bw'Abanyegiputa, ko kwikorera ibishushanyo vyerekana Imana.IY 39.3
Imana yashaka ko abantu bayo batahura ko yonyene ikwiye kuba ari yo isengwa. Batsinze amahanga abakikuje asenga ibigirwamana, ntibari bakwiye kureka hagire n'igisigarira c'ibishushanyo vyabo bisigara, ahubwo bab wirizwa kubisangangura vyose ijana kw'ijana. Nyinshi muri izo mana z'inyamahanga vyari ibintu bizimvye kandi vyiza bikoranywe ubuhinga, vyari gushobora kugerageza ababibonye ugusenga ibigirwamana, vyari ibisanzwe muri Egiputa, mbere kwaba no guha icubahiro runaka ivyo bikoresha bitagiramwo ikimenyetso c'ubuzima na kimwe. Uhoraho yagomba ko abantu bayo bamenya ko ari kubera ugusenga ibigirwamana kw'aya mahanga, arico cabateye ku rugero rwose ububisha bwose, ari naco gituma yagomba gukoresha Abisirayeli nk'ibikoresho vyayo vyo kubahana no kurandura ibigirwamana vyabo.IY 39.4
Inyuma y'uko Mose amaze kuronka amateka avuye k'Uhoraho hanyuma akayandikira abantu, hamwe n'amasezerano azovana n'uko bubashe, Uhoraho aramubwira, ati: Duga aho ndi, mwe na Nadabu na Abihu, n'abakuru bi mu Bisirayeli mirongo irindwi, musenge mukiri kure: Mose abe ari we yigira hafi yanje wenyene, ariko abo bari kumwe ntibanyegere, cank'abandi bantu ngo badugane nawe.IY 40.1
Mose araza, abwira abantu amajambo yose y'Uhoraho n'amabwirizwa yiwe yose: abantu bose baramwishurira icarimwe, bat'lvyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.” Kuvayo 24:1-3.IY 40.2
Mose yari yamaze kwandika, atari birya vyagezwe cumi, ahubwo amateka Imana yashaka ko bakurikiza hamwe n'imigisha ihagaze kubisabwa ko bakora babanje kuyigamburukira. Arabisomera abantu, hanyuma nabo basezerana ubwabo ko bazokurikira amajambo yose Uhoraho yavuze. Mose yandika isezerano ridasanzwe biyemereye mu gitabu maze ashikanira Imana ikimazi kubw'abantu: “Araheza yabira igitabo c'isezerano, agisomera abantu; baramubarira, bat'lvyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora, kandi tuzomwumvira. Maze Mose yabira ya maraso, ayamija abantu, arababarira, ati Ngayo amaraso y'isezerano Uhoraho asezeranye namwe, nk'uko ayo majambo yose ari.” Kuvayo 24:7,8.IY 40.3
Ivyagezwe vy'lmana vy'ibihe vyose-lvyagezwe vy'lmana vyariho imbere y'uko abantu baremwa. Abamarayika bagengwa navyo. Satani yaguye kubera yuko yishe ingingo ngenderwako z'intwaro y'lmana. Inyuma y'aho Imana iremeye Adamu na Eva, yaramenyekanishije kuri bo amategeko yayo. Ntivyari bwandikwe, mugabo Yehova yarabibabwiye.IY 40.4
Muri Edeni Imana yashinze Isabato yo mu cagezwe ca kane. Imana imaze kurema isi n'umuntu kw'isi, ibaremera Isabato. Inyuma y'icaha ca Adamu no kurwa kwiwe ntakintu cakuwe kuvyagezwe vy'lmana. Ingingo ngenderwako z'lvyagezwse cumi zariho imbere y'ukugwa kandi zari izibereye ku rutonde rwere rw'ibiri n'ubugingo. Inyuma y'ukugwa izo ngingo ngenderwako z'ivyo vyagezwe ntizahindutse, mugabo Imana yatanze ivyagezwe vyiyongera ku bindi kugira ngo bihwane n'ukuntu umuntu ameze yaraguye.IY 41.1
Imana yashizeho urutonde runaka rwasaba gutanga kw'inkuka ibikoko, kugira ngo igumize imbere y'umuntu yaguye Ukuri inzoka yatumye Eva atacizera: y'uko ingero y'ukugarariza ari urupfu. Umugararizo ku vyagezwe vy'lmana watumye biba ngombwa ko Kristo apfa nk'ikimazi, kandi kugira ngo bibe ibishoboka ko abanyavyaha baronka icanzo co kubakiza igihano mugabo kandi bakagumana iteka ku vyagezwe vy'lmana. Urutonde rw'ivyo gutanga ibimazi rwari urwo kwigisha abanyavyaha uguca bugufi, haravye ukurwa kwabo, ivyo biheze bibashikane k'ukwihana hamwe no kwizigira Imana yonyene, biciye mu Mukiza yasezeranywe, kubw'imbabazi z'umugararizo wahabaye ku vyagezwe vyayo. lyaba hatari harabayeho umugararizo ku vyagezwe vy'lmana, ntihari kwigera habaho urupfu, ntihari gukenerwa ibindi vyagezwe vyiyongerako kugira ukurwa kw'umuntu nakwo kugire ukwo kwitwararikwa.IY 41.2
Adamu yarigishije abamukomotseko ivyagezwe vy'lmana, vyahawe abizigirwa uko urunganwe rw'abantu rwagiye rukurikirana. Kubandanya kwica Ivyagezwe vy'lmana vyatumye haba umwuzure w'amazi kw'isi. Nowa hamwe n'umuryango wiwe barazigama amategeko, hanyuma kubwo kubikora neza kwabo barakirira mu bwato n'igitangaza c'lmana. Nowa yigisha abamukomotseko Ivyagezwe Cumi. Kuva kuri Adamu kubandanya, Uhoraho yaraziganije abantu bayo, abo nabo mu mitima yabo hariyo ivyagezwe vyayo. Imana ivuga kuvya Aburahamu iti, “Kuko Aburahamu yanyumviye, agashitsa ivyo namwihanikirije n'amabwirizwa yanje n'ivyo nashinze n'ivyagezwe vyanje.” ltanguriro 26:5.IY 41.3
Uhoraho yiyereka Aburahamu maze iramubwira iti: “Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’utungane rwose. Nanje ndagusezeraniye isezerano, nzokugwiza cane.” Itanguriro 17:1,2. “Kandi nshinze isezerano ryanje ndagusezeraniye, wewe n'uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw'ibihe vy'urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n'uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.” Itanguriro 17:7.IY 42.1
Hanyuma Imana isaba Aburahamu n'abazomukomokako ko bakebwa, ico naco kwari ugukeba umutwe w'ico bambariye, nk'ikimenyetso c'uko Imana yabakevye igaheza ikabatandukanya n'ayandi mahanga yose nk'itunga ryayo yiharije. Biciye mur'ico kimenyetso baba basezeranye icese ko batazoshingiranwa n'ayandi mahanga, kuko mugukora ico boba bambuye icubahiro Imana hamwe n’lvyagezwe vyayo vyera hanyuma bagacika nk'amahanga asenga ibigirwamana abazengurutse.IY 42.2
Biciye mu gikorwa co gukebwa, baba bemeye icese ko kuruhande rwabo ivyo basabwa n'isezerano Imana yasezeranye na Abuarahamu bazobishitsa, vyo gutandukana n'ayandi mahanga no kuba abera. lyo abakomotse kuri Aburahamu baba baritandukanije n'ayandi mahanga, ntibaba barivayanze mu gusenga ibigirwamana. Mu kuguma batandukanye n'ayandi mahanga, bari kuba bavanyeho ikigeragezo gihambaye co kuja mu migirwa y'ivyaha vy'ayo mahanga no kugarariza Imana. Kurugero runini, batakaje kamere yo kuba abadasa n'abandi, kandi bera mu kwivanga n'amahanga yari abakikuje. Kugira ngo Imana ibahane, Uhoraho yazanye amapfa ku butaka bwabo, ayo nayo yabatumye bamanuka baja muri Egiputa kugira ngo barokore amagara. Mugabo kubera Isezerano ryayo yagiranye na Aburahamu, Imana ntiyabatanye n'akabando bari muri Egiputa. Yemeye ko bahotorwa n'abanyegiputa kugira ngo bayihindukirire bageze mu mubabaro, hanyuma bahitemwo reta y'lmana y'ukugororoka n'imbabazi, gurtyo baheze bubahirize ivyo ibasaba.IY 42.3
Hari imiryango mike gusa yamanutse ubwa mbere ija muri Egiputa. Aba nabo bararwiriye cane. Bamwe barigengesera bakigisha abana babo bisunze Ivyagezwe vy'lmana, mugabo benshi mu Bisirayeli bari babonye ugusenga ibigirwamana kwinshi ku buryo ivyiyumviro vyabo ku vyagezwe vy'lmana vyari vyabuze amaragamo Babura ico bafata n'ico bareka. Abubaha Imana barayitakira n'umutima wabo ngo ihagarike agatotezo kabo hanyuma ibajane ibakuye mu gihugu bari babereyemwo abaja kugira ngo baje kuyikorera bari mu mwidegemvyo. Imana yumva imiborogo yabo hanyuma ihagurutsa Mose nk'igikoresho cayo co kubohoza abantu bayo. Bamaze kuva muri Egiputa Imana nayo ikagaburamwo kubiri Ikiyaga Gitukura imbere yabo, Uhoraho yarabagerageje ngo irabe ko bayizera nk'iyabatoye nk'ihanga ibakuye mu rindi hanga, ikoresheje ibimenyetso, ibigeragezo, hamwe n'utwumiza. Mugabo birabananira kwihanganira ico kigeragezo. Bidodombera Imana kubw'ivyago bahuye navyo munzira, hanyuma bagomba gusubira muri Egiputa.IY 43.1
Vyanditswe kubisate vy'amabuye-Kugira ntibaronke urwitwazo, Uhoraho ubwiwe aremera aramanuka ku musozi Sinayi, atwikiriwe n'ubwiza kandi akikijwe n'abamarayika biwe. Mu buryo buteye igomwe kandi butangaje Imana ibamenyesha amategeko yayo arivyo vyagezwe cumi. Ntiyizeye uwundi muntu ngo abe ariwe avyigisha, nta n'ubwo bari abamarayika, ahubwo yonyene ubwayo yarivugiye ivyagezwe vyayo n'ijwi ryumvikana kugira ngo abantu bose bavyumve. Mbere n'aho nyene, ntiyizeye ubwonko bw'abantu bwibagira vuba bashobora kwibagira ivyo isaba, ahubwo yaravyiyandikiye n'urutoke rwayo ku bisate vy'amabuye. Yipfuza kuzibira inzira iyari yo yose yo kubivanga ivyagezwe vyayo vyera n'umugenzo uwari wo wose canke ngo bitiranye ivyo isaba n'imigirwa y'abantu.IY 43.2
N'aho nyene itera yegera kurusha abantu bayo, bashobora kujanwa mu buryo bworoshe, ntiyabasigaranye ivyagezwe cumi vyo mu mategeko yayo. Yategetse Mose ngo yandike amateka hamwe n'amategeko avyeretswe n'lmana, mu gutanga akantu ku kandi mw'ido n'ido ivyo yashaka ko bakora. Gurtyo rero yatumye za ngingo cumi zizigamwa yari yakorogoshoye ku bisate vy'amabuye. Ibahereza ikintu cose n'ivyashinzwe mu buryo nyezina kugira ngo ibiremwa bantu vyatakaye bizanwe kukugamburukira ivyagezwe vy'lmana, ivyo navyo bakaba bahengamiye kukuvyica.IY 44.1
lyo abantu baza kwubahiriza ivyagezwe vy'lmana, nk'uko vyatanzwe inyuma y'umwuzure, bikazigamirwa mu bwato na Nowa, bikitonderwa na Aburahamu, ntihari gukenerwa umugirwa wo gukebwa. Kandi niba abakomotse kuri Aburahamu bari barazigamye ico isezerano ryo gukebwa casobanura, ntibari kwigera baja mu gusenga ibigirwamana canke ngo bemererwe kumanuka baja muri Egiputa, kandi ntihaba harakenewe ko Imana irinda gutangaza ivyagezwe vyayo kuri Sinayi, kubikorogoshora kubisate vy'amabuye, hamwe no kubizigamisha amategeko abigenga hamwe n'amateka n'ivyashinzwe vya Mose.IY 44.2
Amateka hamwe n'ivyashinzwe-Mose yanditse aya mateka hamwe n'ivyashinzwe vyavuye mu kanwa k'lmana igihe yari kumwe nayo ku musozi Slnayi. lyo abantu b'lmana baza kwitondera ingingo ngenderwako z'lvyagezwe Cumi, ntibaba barakeneye ibindi vyashinzwe Imana yahaye Mose kubijanye n'ivyo basabwa n'lmana hamwe n'umuntu kuri mugenzi wiwe, yanditse mu gitabu. Ivyo yahawe bibigenga Uhoraho yahaye Mose kuvyo ubwo bwoko Imana ibusaba, umuntu ku wundi hamwe no kunyambukira ni zo ngingo ngenderwako z'lvyagezwe Cumi, zatanzwe mu buryo busanzwe hanyuma zigatangwa mu buryo bw'indangurakintu, kugira ngo ntibazihendeko. Uhoraho abarira Mose mu buryo bw'ido n'ido ku bijanye n'ibimazi vyatangwa nk'inkuka vyabwirizwa kurangirana n'urupfu rwa Kristo. Urutonde rwo gutanga ibimazi rwari igitutu cerekana ikimazi ca Kristo nk'umwagazi w'intama utagira agasembwa.IY 44.3
Uhoraho yabanje gushiraho urutonde rw’amashikanwa y'ibimazi kuri Adamu inyuma y'ukugwa kwiwe, maze Adamu yigisha abamukomotseko. Urwo rutonde rwononekaye imbere y'umwuzure, rwononywe n'abo bitandukanije n'intamuheba z'lmana maze bubaka umunara w'i Babel. Baratanga ibimazi babiha ibigirwamana bonyene bikoreye mu gishingo c'lmana yo mw'ijuru. Baratanga ibimazi atari kubera bafise ukwizera mu Mucunguzi azoza ahubwo ari ukubera ko biyumvira ngo bakwiye kunezereza imana zabo mu gutanga ibimazi bihambaye vy'ibikoko kubicaniro vyabo vyanduye vy'ibigirwamana. Uko kwizera ibintazi kwabo kwabashikanye ku kurenza urugero rwose. Bigisha ko abantu bafise agaciro gasumba ak'ibimazi, ko kandi uko banezera ibigirwamana vyabo bashikanira ko ariko barushiriza gutera imbere no kuronka ubutunzi bwinshi kw'ihanga ryabo. Rero, ibiremwa bantu vyaratangwa kenshi na kenshi bishikanirwa nk'ibimazi vyo kwoswa biherezwa ivyo bigirwamana vyabo bitagira ikimenyetso na kimwe c'ubuzima muri vyo. Kugira ngo bongere bagirure ukuganza ibikorwa vy'abantu, ayo mahanga yari afise amategeko n'ivyagezwe vyari ivy'ububisha ku rugero ruhanitse. Abarongozi imitima yabo itari yorohejwe n’ubuntu nibo bishingira amategeko yabo bwite. Mu gihe narenzako uruho rw'amazi amabi y'agahomerabunwa asumba ayandi, ikosa rito ryarashobora kuvamwo igihano ruhasha gitanzwe n'abo bategetsi.IY 45.1
Mose yari afise ivyo mu bwenge aho yavuga abwira Isirayeli, ati: “Raba ndabigishije amabwirizwa n'amateka ashinzwe, nk'uko Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngo abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire. Nuko muze muvyitondere, mubishitse, kuko ivyo ari vyo bizogaragariza ayandi mahanga ubwenge bwanyu n'ubunyarutsi bwanyu, igihe azokwumva ayo mabwirizwa yose, akavuga, ati N'ukuri iri hanga rihambaye n'abantu b'abanyabwenge bafise ubunyarutsi.IY 46.1
Mbega hari ihanga rihambaye rifise imana iri hafi yaryo nk'uko Uhoraho Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje? Canke har'ihanga rihambaye rifise amabwirizwa n'amateka ashinzwe aroranye, nk'uko ibi vyagezwe vyose biri, nshize imbere yanyu uyu musi?” Gusubira mu Vyagezwe 4:5-8.IY 46.2