Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Igihe C'umubabaro Wa Yakobo

    Abera bava mu miji n'ibisagara hanyuma baja hamwe mu mirwi, baba mu bibanza nk'inyakamwe vya bonyene. Abamarayika babaha ivyokurya n'amazi, mu gihe abanyakibi bari barembejwe n'inzara n'inyota. Abari abahambaye bo kw'isi baja hamwe ngo babazanye, na Satani n'abamarayika biwe bafatiriwe cane haruhande yabo. Igopi z'urwandiko zarakwiragijwe mu bice bitandukanye vyo kw'isi, zitanga amategeko ko kiretse abera bahevye ukwizera kwabo kwisa, bagaheba Isabato, hanyuma bagasenga umusi wa mbere w'iyinga, ko inyuma y'ikiringo abantu bazoba bafise uburenganzira bwo kubica. Mugabo iki gihe co kugeragezwa abera bari batekanye kandi batuje, bizera Imana kandi bashingiye kw'isezerano ko icanzo kizoboneka ku bwabo.IY 119.1

    Mu bibanza bimwe bimwe, imbere y'uko igihe c'uko iryo tegeko rishirwa mu ngiro, abanyakibi bagurukira kubera ngo babice, mugabo Yesu yategetse abamarayika biwe ngo babarinde. Imana izohabwa icubahiro mu kugiragira isezerano n'abo bazoba baritondeye ivyagezwe vyayo, mu maso y'abansi babo babakikuje; hanyuma Yesu azoheshwa icubahiro mu kwimura intamuheba ziwe, bamurindiriye umwanya muremure, batarinze kubona urupfu.IY 119.2

    Abera bari babujijwe amahoro n'uguhagarika umutima. Basa n'abakikujwe n'abanyakibi baba kw'isi. Bamwe batangura gutinya ko Imana yoba yabahevye ngo bapfire mu biganza vy'abanyakibi. Mugabo iyaba amaso yabo yokwuguruka, bobona ingene bakikujwe n'abamarayika. Hanyuma haciye haza umurwi w'inkorabara zashangashiwe, hanyuma ikigwi c'abamarayika babi, banyaraguritsa abanyakibi ngo bice abera. Mugabo imbere y'uko begera abantu b'lmana, abanyakibi babwirizwa ubwa mbere kurengana umurwi w'abamarayika b'abanyenkomezi. Ivyo vyari ibidashoboka. Abamarayika b'lmana babatera gusubira inyuma hanyuma bongera bateza abamarayika babi bariko barabashusha bagwa bagaramye.IY 119.3

    Gutaka basaba gucungurwa_ Cari igihe giteye ubwoba, co gutaka kubi kw'abera. Ku murango no mw'ijuru baririra Imana ngo ibacungure. Ibibonekera mu maso, nta karyo ko kurusimba kari gahari. Abanyakibi baza bahejeje gutsinda, babacemeta bati: “None ni kuki Imana yanyu itabakura mu biganza vyacu? Ni kuki mutaduga ngo mukize ubugingo bwanyu?” Mugabo abera ntibabumvirije. Nka Yakobo, bariko baranigana n'imana (Itanguriro 32:22- 32). Abamarayika bari bafise igishika co kubakiza, mugabo babwirizwa kurindira akandi gatoya. Abantu b'lmana babwirizwa kunywera kuri ico gikombe hanyuma bakabatizwa n'umubatizo wo kugeragezwa guhambaye. Abamarayika barabandanya kuba maso, kandi n'abizigirwa ku gikebere cabo. Imana ntishobora kwemera ko izina ryayo rikengerwa mu bapagani. Igihe casa n'igishitse aho igira yerekane ububasha bwayo no gucungura abera bayo. Kubw'icubahiro c'izina ryayo izokiza abantu bose bayirindiranye ukwihangana abo nabo amazina yabo yanditswe mu gitabo.IY 120.1

    Vyari bimeze nk'ivyo intahemuka Nowa yaciyemwo. Imvura iguye hanyuma umwuzure ukaza, Nowa hamwe n'umuryango wiwe bari binjiye mu bwato, kandi Imana yari yabugaraniyemwo. Nowa yari yaburiye mu bwizigirwa ababa kw'isi b'imbere y'umwuzure, mu gihe bo bamushinyaguriye kandi bakamutwenga. Kandi nk'uko amazi yamanutse kw'isi, hanyuma umwe inyuma y'uwundi agasoma nturi, babonye ubwato, ubwo bari baratwenze, buriko bugenda buke buke kumazi, buzigamye Nowa intahemuka hamwe n'umuryango wiwe. Ntabwo vyari bitazwi ko ku mpera y'ibihe abantu b'lmana, baburiye isi mu bwizigirwa kuvy'uburake bwayo, bazorokorwa. Imana ntishobora kwemera ko abanyakibi bica abari barindiriye kwimurwa bakajanwa mw'ijuru maze bakaba batemeye kwunamira itegeko ry'igikoko canke bakire igishushanyo caco. Nka hamwe abanyakibi bemerewe kwica abera, satani hamwe n'abamarayika biwe, hamwe n'abo bose banka Imana, boba bahagijwe. Kandi, mbega intsinzi boba baronse mu ntambara ya nyuma kubw'ubukuru bwa Satani arondera kugira ububasha kur'abo bazoba bararondeye kubona Yesu, uwo bakunda! Abashinyaguriwe iciyumviro c'uko abera bajanwa bakaduzwa ngo babone umwitwarariko w'lmana ifitiye abantu bayo hanyuma babone ugucungurwa kw'icubahiro.IY 120.2

    Ubwo abagororotsi bava mu miji no mu bisagara, bakurikiwe n'abanyakibi, bashaka kubica. Mugabo ibirwanisho vyabo bari babaguye ngo bice abantu b'lmana biravunika maze biba ibitagira inkomezi nk'ivyatsi. Abamarayika bakingira abera. Mu gihe barira ijoro n'umurango kugira ngo bacungurwe, ugutaka kwabo kugera imbere y'Uhoraho.IY 121.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents