Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ihema Ry'ibonaniro Kwisi

    Ihema ryubatswe hisunzwe itegeko ry'lmana. Uhoraho yahagurukije abanyabugenegene hanyuma ibaha ibikenewe birengeye ivyo bashobora mu buryo bwabo bw'imero kugira ngo bakore kimwe mu bikorwa vyasaba vyinshi cigeze kubaho. Yaba Mose canke mbere n'abo banyabugenegene nta n'umwe yahawe umwanya ngo abe ari we agena imero hamwe n'ibigize iyo nyubakwa. Imana ubwayo niyo yerekanye imero y'ishusho iraheza iyiha Mose, hamwe n'ibindi vy'ido n'ido yamubwiye kubijanye n’ibipimo hamwe n'ishusho hamwe n'ibikoresho vyo gukoreshwako, kandi yaratanze mu buryo butomoye akantu ku kandi akantu kose kabwirizwa kujako. Yereka Mose ikigereranyo c'ihema ryo mw'ijuru hanyuma imutegeko ko akora ibintu vyose nk'uko yavyeretswe ari ku musozi. Mose yandika amategeko yose mu gitabu hanyuma ayasomera abantu bose b'abakuru.IY 46.3

    Hanyuma Uhoraho asaba abantu ngo bazane ishikanwa rivuye ku gushaka ryo kumwubakira ahera ho kuba, kugira ngo igerere muri bo. “Nuko ikoraniro ryose ry'Abisirayeli baragenda, bava imbere ya Mose. Maze baraza, umuntu wese asunitswe n'umutima wiwe, n'umuntu wese atanze bivuye ku mutima, bazana amashikanwa bashikanira Uhoraho, yo gukoresha rya hema ry'ibonaniro, n'ayo gukoresha ibikorwa vyaryo vyose n'ayo gukoramwo ya myambaro yejejwe. Haza abemeye gutanga bose bivuye ku mutima, abagabo n'abagore, bazana impeta zo mu mazuru n'izo mu matwi, n'izo badomesha ibimenyetso, n'inyirere, vyose ar'utugenegene dukozwe mw'izahabu, umuntu wese yar'afise icitwa izahabu yakizana kugishikanira Uhoraho.”IY 47.1

    Imyiteguro ikomeye kandi izimvye yar'ikenewe. Ibikoresho vy'imbonekarimwe kandi bizimvye vyabwirizwa kwegeranywa. Mugabo Uhoraho yemera amashikanwa avuye kugushaka gusa. Ivyasabwa ubwa mbere mu gutegurira ikibanza Imana kwari ukwitangira ico gikorwa c'lmana hamwe n'ikimazi kivuye ku mutima. Maze mu gihe iyubakwa ry'ihema ry'ibonaniro ryariko rirabandanya abantu barazanira amashikanwa yabo Mose avuye ku mutima. Kandi mu gihe iyubakwa ry'ihema ry'ibonaniro ryaba ririko rirabandanya hanyuma abantu bakaba bariko barazana amashikanwa yabo bayashikanira Mose, hanyuma Mose nawe akabishikiriza abo banyabuhinga, abanyabwenge bose bakora muri ico gikorwa barapima izo ngabire ngo barabe ko abantu bazanye ibihagije, canke ibirengeye ivyo bashobora gukoresha. Mose nawe niko gutangaza aho bakambitse, ati: “Ntihaze hagire umugabo, canke umugore asubira gukora ikindi kintu na kimwe co gushikana kubw'iryo hema. Uko ni ko babujije abantu kugira ikindi bazana.”IY 47.2

    Vyandikirwe urunganwe rwose ruzokurikira-Kuguma hisubiriza imyidogo ku Bisirayeli hamwe n'ibihano bivuye kuburake bw'lmana kubw'ukugarariza kwabo vyanditswe ku burake bw'lmana kubw'ukugarariza kwabo vyanditswe mu mateka Yera kubw'inyungu y'ubwoko bw'lmana buzobaho hanyuma kw'isi. N'ikirenze kur'ico, vyari ivyo gutanga inkebuzo ku bantu bazobaho imbere y'irangira ry'igihe. Icongewe kur'ico, ibikorwa vyabo vyo kwitanga hamwe n'inguvu zabo mu kuzana ishikanwa rivuye kugushaka barishikiriza Mose vyanditswe kugira bigire ico bimariye abantu b'lmana. Umwiteguro wabo w'ibikoresho vy'ihema ry'ibonaniro urangwa n'umunezero n'akarorero kuri bose bakunda koko gusenga Imana. lyo tuyitegurira inyubakwa izohwaniramwo nabo, abantu bose babona ko ari ivy'igiciro kuronka umugisha wo kubana n'lmana kwera bakwiye kwerekana umwete mwinshi n'inkomezi mu gikorwa cera bisunze urugero baherezamwo agaciro imigisha isumba ukuroranirwa kwabo hano kw'isi. Bakwiye kubona ko bariko barubakira Imana inzu.IY 47.3

    Birahambaye kumenya ko inzu yubatswe mu buryo buboneka kugira ngo ibe inzu y'lmana izohwaniramwo n'abantu bayo ikwiye gutunganywa mu mwitwarariko-ikaba iyituma abantu bisanzura, ifise isuku, kandi ibereye, kuko babwirizwa kuyegurira Imana hanyuma bakayiyishikiriza, bamusaba ngo abe mur’iyo nzu hanyuma ayigire iyera kubwo kuhaba kwiwe kwera. Bakwiye gutanga bihagije bafise ubushake bashikanira Uhoraho kugira arangure igikorwa bivuye kugutanga ata kagobero, kandi abanyabuhinga bakwiye kuba bashoboye kuvuga bati, Ntimusubire kuzana ayandi mashikanwa.IY 48.1

    Hisungwe akarorero-Bamaze kurangiza kwubaka iryo hema ry'ibonaniro, Mose yarasuzumye igikorwa cose, akigereranya na ya shusho hamwe n'ivyo yari yabwiwe n'lmana. Yabonye ko agace kose kari gahuye n'uko ya yindi shusho yari, maze aca ahezagira abantu.]IY 48.2

    Imana yahaye Mose imero y'ishusho y'isandugu ry'isezerano, hamwe n'ibindi bidasanzwe vyoriranga. Iryo sandugu ryarimwo vya bisate vy'amabuye ivyo Imana yari yakorogoshoyeko Ivyagezwe Cumu ikoresheje urutoke rwayo bwite. Ryari rigizwe n'inzahabu imbere n'inyuma. Risharijwe n'ibitsibo vy'inzahabu hejuru. Umufundikizo w'iryo sandugu witwa intebe y'imbabazi, kandi wari ugizwe n'izahabu iramuye. Ku mpera zose zibiri z'intebe y'imbabazi hariko abakerubi bakozwe mu nzahabu iramuye. Mu maso habo bari bahahanze mw'isandugu kandi babangabanganywe. Ivyo vyagereranya abamarayika bose bo mw'ijuru baraba bashashaye kandi bafise icubahiro ku vyagezwe vy'lmana biteretswe mw'isandugu mw'ihema ry'ibonaniro ryo mw'ijuru. Aba bakerubi bari bafise amababa. Ibaba rimwe ry'umumarayika umwe umwe wese ryari risanzuriye hejuru, mu gihe irindi ryatwikira umubiri wiwe. Isandugu ry'ihema ryo kw'isi ryasa n'iry'ukuri ryo mw'ijuru. Aho nyene, hampande y'isandugu, hahagaze abamarayika bazima, ku mpera y'isandugu, umwe umwe wese ateye igitutu intebe y'imbabazi, akaba aramvuye ibaba hejuru yaryo, mu gihe irindi baba ritwikiriye umubiri wiwe mu kwerekana ubwubashi hamwe no guca bugufi. Mose yasabwe gushira vya bisate vy'amabuye mw'isandugu ryo mw'isi. Ibi bisate vyitwa ibishingantahe, kandi ihema ry'itwa isandugu ry'ibishingantahe, kuko ryarimwo intahe y'lmana mu Vyagezwe Cumi.IY 48.3

    Ibihande bitandukanijwe n'igihuzu. Ivyari birigize vyose vyari izahabu iramuye canke bisizwe inzahabu. Igihuzu cari kigizwe n'amabara atandukanye, kandi atonze mu buryo bw'akaroruhore, hanyuma muri ico gihuzu hari hadondagijwemwo abakerubi, hakoreshejwe inyuzi z'inzahabu n’ifeza. Ibi vyagereranya ibihumbi n'ibihumbagiza vy'abamarayika, bafise uruhara mu gikorwa c'ihema ryo mw'ijuru kandi ari abamarayika bakorera abantu kw'isi.IY 50.1

    Mu gice ca kabiri c'igihuzu, canke igikingirizo, hari hariyo isandugu ry'ibishingantahe, kandi ico gihuzu ciza, cuzuye amabara menshi cari iruhande y'isandugu ryera. Iki gihuzu nticashika hejuru aho inyubakwa igera. Ubwiza bw'lmana, bwari hejuru y'intebe y'imbabazi, bwarashobora kuboneka mu bihande vyose uko ari bibiri, mugabo ku rugero ruto mu gihimba ca mbere c'ishikiro.IY 50.2

    Aho imbere y'isandugu, mugabo bitandukanijwe n'igihuzu, hari igicaniro c'imibavu gikozwe mu nzahabu. Uhoraho ubwiwe niwe yari yaracanye umuriro kuri ico gicaniro, kandi carakundwakazwa mu kwama na ntaryo gihabwa imibavu Yera, iyo nayo yaca ikwira ihema ryose n'akamoto keza kumurango no mw'ijoro. Akamoto kayo karashika kubirometero vyinshi ahakikuje ihema. Igihe umuherezi ashikanye imibavu imbere y'Uhoraho, yaraba ku ntebe y'imbabazi. Naho atashobora kuyibona, yaba azi ko iri ngaho, kandi uko imibavu yaduga nk'igicu, ubwiza bw'lmana bwaramanuka ku ntebe y'imbabazi hanyuma bugakwira ikibanza c'ahera cane kandi bukaboneka no mu cumba c'ahera. Ubwo bwiza na ntaryo bwaratwikira ivyo bihande uko ari bibiri ku buryo umuherezi atashobora kubandanya gukora maze bikaba ngombwa ko ahagarara ku muryango w'ihema.IY 50.3

    Umuherezi yaba ari ahera, yerekeza isengesho ryiwe kubwo kwizera ku ntebe y'imbabazi atashobora kubona, agereranya abantu b'lmana bariko berekeza amasengesho yabo kuri Kristo ari ku ntebe y'imbabazi mw'ihema ry'ibonaniro ryo mw'ijuru. Berekeza amasengesho kuri we, kandi bafise ubushizi bw'amanga bakaburana ibiva mu gikorwa ciwe co kutuvuganira.IY 50.4

    Ibi bibanza bibiri vyera nta madirisha vyari bifise kugira ngo umuco winjire. Igiterekwako amatara cari gikozwe mu nzahabu nziza kandi kikaguma caka ku murango no mw'ijuru, gurtyo kigatanga umuco mu bihande vyose. Umuco wo ku matara ari ku giterekwako amatara warasira ku mpome z'inzahabu yometswe ku mbaho z'iyo nyubakwa ugaca ukayanganira irya n'ino hamwe no ku bikoresho vyera hamwe na ba bamarayika bashonewe ku gihuzu hakoreshejwe inyuzi z'inzahabu n'ifeza. Uko vyaboneka ku jisho vyari ivyiza vy'akaroruhore ku buryo burenze uko bwovugwa. Nta rurimi rushobora kwigana ubwiza, ukuba ivy'igikundiro, hamwe n'ubwiza bwejejwe ibi vyumba vyerekana. Inzahabu zari mw'ihema zakayanganisha amabara zikuye mu mabara agize vya bihuzu, maze akaboneka ari ay'uburyo butandukanye bw'amabara y'umunywamazi.IY 51.1

    Rimwe gusa mu mwaka ni ho umuherezi mukuru yinjira mu cumba c'ahera cane, inyuma y'umwiteguro wuzuye ukwigengesera no kwiyubara w'imbonekarimwe. Nta jisho ry'ikintu na kimwe gipfa kiretse iry'umuherezi mukuriu ryashobora kuraba ubwiza n'icubahiro vyari mur'ico cumba, kubera ko cari ikibanza co kubamwo kidasanzwe c'ubwiza buboneshwa amaso bw'lmana. Umuherezi mukuru na ntaryo yinjirayo ariko arahinda umushitsi, mu gihe abantu baba barindiriye mu gacerere ntangere ko agaruka. Barasaba Imana bashimitse ko ibahezagira. Ku ntebe y'imbabazi Imana yaraganira n'umuherezi mukuru. Agumyeyo mu buryo budasanzwe umwanya muremure, abantu kenshi baca batekerwa n'ubwoba, batinya ko ubwiza bw'Uhoraho bwoba bwamwishe kubera ivyaha vyabo canke kubw'icaha kinaka c'uwo muherezi. Mugabo bumvise ukujegera kw'inzogera zaba ziri ku mpuzu ziwe, baca bahumura cane. Hanyuma agasohoka gahezagira abantu.IY 51.2

    Inyuma y'irangira ry'igikorwa co mw'ihema ry'ibonaniro, “igicu gitwikira ihema ry'ibonaniro, maze ubwiza bw'Uhoraho buzura ihema. Mose ntiyaba agishobora kwinjira mw'ihema ry'ibonaniro, kubera koi co gicu cari hejuru yaryo, kandi ubwiza bw'Uhoraho bwuzura iryo hema.” Kuko “igicu c'Uhoraho cari hejuru y'ihema kumurango, maze umuriro ukaba hejuru yaryo mw'ijoro, ab'inzu ya Isirayeli bise babona, mu rugendo rwabo rwose.” Iryo hema ryashirwa ku ruhande rikajana nabo mu ngendo zabo zose.IY 52.1

    Igicu cabaja imbere-Uhoraho yayobora Abisirayeli mu ngendo zabo zose bagenda baca mu bugaragwa. lyo ari vyiza kuri ari bantu n'ubwiza bw'lmana ngo bashing amahema mu kibanza kinaki no kuhaguma, Imana tarerekana ubugombe bwayo mu gutuma inking y'igicu yegera cane hejuru y'ihema. Aho rero yarahaguma gushika Imana igomvye ko basubira kugenda. Hanyuma rero ubwiza bw'igicu bukegezwa hejuru y'ihema, aho bagaca babona kubandanya urugendo.IY 52.2

    Mu ngendo zabo zose bagumanye urutonde rutagira amahinyu. Umuryango wose wari witwaje urugero- ibendera canke icapa-ririko ikimenyetso c'umuryango w aba sekuru, hanyuma uwo muryango ugahabwa itegeko ryo gushinga amahema wisunze ikibanza cawo. Hanyuma bishitse bakaruhuka ingendo zabo, rya hema ryaca rishingwa, hanyuma amahema y'imiryango itandukanye agaca ashingwa hisunzwe urutonde, mu rutonde Imana yashinze, bakikuje ihema, hamwe n'ikirere kiritandukanya nabo.IY 52.3

    Abo bantu bariko baragenda, isandugu ryararerurwa imbere yabo. “Maze igicu c'Uhoraho cari hejuru yabo umusi ku wundi uko bagenda bava aho bari bashagaje.IY 52.4

    “Uko niko vyari, igihe cose isandugu ryahaguruka, Mose yaravuga ati: ‘Haguruka, ewe Uhoraho! Reka abansi bawe basabagire, kandi n'abakwanka bahunge imbere yawe.’ Maze ryaruhuka, agaheza akavuga ati: ‘Garuka, ewe Uhoraho, kubw'ibihumbi vyinshi vya Isirayeli.’”IY 53.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents