Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca cumi na gatanu: Intango nshasha

    “Mbona ijuru risha n'isi nsha: kuko ijuru rya mbere n'isi ya mbere yari yagiye, n'ikiyaga nticari kikiriho.” Ivyahishuwe 21:1. Umuriro uzotongora abanyakibi niwo uzotunganya isi. Agatosi kose k'umuvumo kazokuburwa. Nta gusha mu kuzimu ibihe vyose kuzobaho kwozotuma abakijijwe bama bafise ubwoba bw'inkurikizi z'icaha. Icibutso kimwe gusa nico kizosigara: Umucunguzi wacu azama na ntaryo afise inkovu zerekana aho yabambwa. Kumutwe wiwe n'ibirenge aho yakomeretse, ivyo nivyo bimenyamenya vy'igikorwa c'ububisha icaha kizoba carakoze.IY 138.1

    “Nawe Mutara wo kurabirako umukuku, umusozi w'umukobwa w'i siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bwa bwami bw'umukobwa w'i Yerusalemu.” Mika 4 :8. Ubwami bwanyazwe n'icaha, Kristo yabugarukanye, kandi abacunguwe bagiye gufatanya ubwami nawe. “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemwo ibihe bidashira.” Zaburi 37:29. Ubwoba bwo kuragwa kw'abagororotsi busa n'ubwateye benshi gufata nk'ibintu bivugwa mu buryo bwa Mpwemu gusa ukuri kudutera kubona isi nshasha nk'iwacu. Kristo yakuriye inkoni ku gishitsi abigishwa biwe ko yagiye kubategurira aho kuba. Abemera inyigisho z'ljambo ry'lmana ntibazoba abatazi na gato ibijanye n'imihana yabo mw'ijuru. Mugabo n'aho bir'uko intumwa Pawulo iratangaza iti, “Ivy'ijisho ritigeze kubona, n'ivy'ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mitima w'umuntu, vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.” 1 ab'i Korinto 2 :9. Ururimi rwa kimuntu ntirushoboye kwigana impembo y'abagororotsi. Bizomenya abazobibona. Nta bwenge buhera bushobora gutahura ubwiza bwa Paradiso y'lmana. Muri Bibiliya umugabane w'abakijijwe witwa igihugu. (Abaheburayo 11 :14-16.) Aho niho wa Mwungere mukuru azoshora imikuku yiwe ayijane kw'isoko y'amazi y'ubugingo. Igiti c'ubugingo kigatanga ivyamwa vyaco uko ukwezi gutashe, hanyuma amababi yaco agakiza amahanga. Imigezi yama itemba na ntaryo, ibonerana nk'icirore, hanyuma hafi yayo ibiti bigatera igitutu cavyo ku nzira zateguriwe abacunguwe n'Uhoraho. Aho niho ibiyaya binini cane birimwo n’udusozi tw'ubwiza, hanyuma n'imisozi y'lmana ikerekana impinga zayo ndende. Muri ivyo biyaya vy'umutekano, hampande y'imigezi irimwo ubuzima, abantu b'lmana, bazoba bamaze igihe kirekire ari aba kavantara n'ingenzi, niho bazosanga ingozabo.IY 138.2

    Yerusalemu nshasha-Hariho Yerusalemu Nsha, “Ifise ubwiza bw'lmana,” umuco wayo “umeze nk'ibuye ry'agaciro, nk'ibuye rya yasipi, riborana nk'icirore.” Ivyahishuwe 21 :11. Uhoraho agira ati: “Kandi nzohimbarwa n'abantu banje, nezererwe n'abantu banje.” Yesaya 65:19. “Eh'ihema ry'lmana riri kumwe n'abantu, kand'izogerera muri bo bazoba abantu bayo, kand'lmana ubwayo izobana nabo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand'urupfu ntiruzoba rukiriho, kand'amaborogo no gutaka n'uburibwe ntibizoba bikiriho: kuko ivya mbere bishize.” Ivyahishuwe 21:3,4.IY 139.1

    Mu gisagara c'lmana “nta joro rizobayo.” Nta muntu n'umwe azokenera canke ngo yipfuze kuruhuka. Nta miruho izobayo mu gukora ivyo Imana igomba hamwe no guhereza amshimwe izina ryayo. Tuzama na ntaryo twiyumvamwo ko twanaguwe buri gitondo, kandi tuzama ture kure yahoo. “Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n'itara canke kwakirwa n'izuba, kuko Umwami Imana ari yo izobakira ...” Ivyahishuwe 22:5. Umuco w'izuba uzosubirirwa n'imishwarara uyiravyemwo idahumisha amaso, yamara mu buryo butopimwa irengeye gukayangana kw'izuba k'umurango. Ubwiza bw'lmana hamwe n'ubw'Umwagazi w'intama nibwo bwuzuye ico gisagara cera n'umuco utazimata. Abacunguwe bazogenda mu bwiza butarinda guterwa n'izuba vy'umusi udahera.IY 139.2

    “Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk'Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.” Ivyahishuwe 21:22. Abantu b'lmana bazoterwa iteka ryo kwamana ubucuti bwuguruye na Data n'Umwana. “ubu turabira mu cirore, n'ivy'ijiji.” 1 ab'l Korinto 13:12. Turaraba ishusho y'lmana iturasiye, nko mu cirore, mu bikorwa vyo mu vyaremwe hamwe no mu buryo ikorana n'abantu, mugabo ico gihe tuzoyiraba imbona nkubone, ata vyijiji bitewe n'igihuzu kidukingiriye hagati. Tuzohagarara aho iri hanyuma twitegereze ubwiza bwo mu nyonga ziwe.IY 140.1

    Ubwenge budashobora gupfa buzokwigana umunezero udashira ibinyegezwa vy'ububasha bwo kuredma, amabanga y'urukundo rucungura. Nta mwansi w'inkozi y'ikibi, azimiza wo kutugerageza ngo twibagire Imana azoba ahari. Uburyo bwose buzotezwa imbere, ubuhinga bwose bugwizwe. Kuronka ubumenyi ntikuzoruhisha ubwenge canke ngo bidutware inguvu. Aho niho twoshobora kuzokorera ibintu rutura, ivyiyumviro bihanitse bishikweko, ivyipfuzo vyo hejuru bishikweko, kandi hazoguma hariho ibirere vyo hejuru vyo gushikira, utwumiza dushasha two hutangarira, Ukuri gushasha kwo gutahura, ibintu bishasha vyo gukuramwo inkomezi z'ubwenge n'umutima n'umubiri.IY 140.2

    Kandi uko imyaka y'ibihe bidashira igenda, izogenda irushirizaho kuzana ubundi butunzi hamwe n'ubwiza mu guhishurirwa ivy'lmana na Kristo. Kurya ubumenyi butera buduga, ni ko urukundo, icubahiro, hamwe n'umunezero bizogwira. Uko abantu bazorushiriza kwiga ivy'lmana, niko bazorushiriza gutangarira kamere yayo. Uko Yesu azugurura imbere yabo ubutunzi bw'ivy'ugucungurwa hamwe n'ivyashitsweko bitangaje mu ntambara ihambaye na Satani, imitima y'abacunguwe izotera itera yuzuye kwitanga, hanyuma bavuze inanga z'inzahabu n'ibiganza bishikamye; maze ibihumbi n'ibihunguruka hamwe n'ibihumbi n'ibihumbi vy'amajwi bikoranire hamwe mu kuduza indirimboz'ishimwe.IY 140.3

    “Kandi icaremwe cose co mw'ijuru no mw'isi n'l kuzimu no hejuru y'ikiyaga n'ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit'lvyagiye ku ntebe bo n'Umwagazi w'lntama, umugisha ube uwabo n'icubahiro no guhimbazwa n'ububasha, ibihe bitazoshira.” Ivyahishuwe 5:13.IY 141.1

    Icaha n'abanyavyaha ntibigihari. Ikirere c'amajuru n'isi vy'lmana birakubuye, kandi intambara ihambaye irarangiye ibihe vyose.IY 141.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents