Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 15 - Bibiliya Hamwe Na Revolisiyo Yomu Bufaransa

    Mu kinjana ca cumi na gatandatu, Ubugorozi mu gushikiriza abantu ubutumwa busomwa muri Bibiliya bwakomanze ku miryango y’ibihugu vyose vy’i Buraya burondera kwugururirwa. Ibihugu bimwe vyabuhaye ikaze n’akanyamuzeza kenshi nk’intumwa irungitswe n’ijuru. Mu bindi na vyo, ubupapa bwashoboye kububuza kuhinjira; kandi umuco w’ubumenyi bwa Bibiliya hamwe n’ubwaku bwayo bushoboza abantu gushika ku rugero rwo hejuru, na wo nyene wose warakumiriwe. Ariko rero, mu gihugu kimwe, umuco warahagerereye, ntiwashobora gutwikirwa n’umwiza. Mu kiringo c’ibihe bingana n’ibinjana, ukuri n’ikinyoma vyarahiganywe ubugabo. Impera n’imperuka ikibi carahawe intebe maze ukuri kw’ijuru kurakandagirwa. “Uku ni kwo gutsindwa, kuk’umuco waje mw’isi, arikw’abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw’ibikorwa vyabo ari bibi.”(Yohana 3:19) Nta kindi igihugu cari gisigaranye atari ukwimbura ingaruka z’umuvumo cari cahisemwo. Mpwemu w’lmana yari yamaze gukurwa ku bantu bari bakengereye ingabirano y’ubuntu bw’Imana. Ikibi cari carekuwe ngo gikure gushika aho cama imbuto. Kandi isi yose yarabonye ico guhitamwo ukwirengangiza umuco bizana.IB 194.1

    Ukurwanya Bibiliya kwabaye mu kiringo c’ibinjana vyinshi mu Bufaransa, kwabashikanye ku marorerwa ya Revolisiyo. Iryo hinduka riteye ubwoba yari inkurikizi kamere yuko Ishengero ry’i Roma ryari ryarankirije Ivyanditswe, ribuza abantu kubisoma. Iyo revolisiyo ni ikimeyamenya kigaragara isi itari bwigere ibona co gukorera musi y’amategeko y’ubupapa; ni ikimenyamenya c’aho kumara imyaka ibihumbi uhabwa inyigisho n’ishuri ry’Ishengero ry’i Roma bishobora gushikana umuntu.IB 194.2

    Ugukuraho Ivyanditswe kwabonetse mu gihe abantu bari musi y’ubutegetsi bw’ubupapa vyari vyarabuwe n’abahanuzi; kandi n’intumwa Yohana yarerekanye ingaruka ziteye ubwoba zategerezwa gushikira na cane cane Ubufaransa bivuye ku butware b’umuntu w’icaha”IB 194.3

    Marayika w’Umwami avuga ati: “Kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongo ine n’abiri. Kandi abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu bambaye amagunira... Kandi nibaheza gushinga intahe, igikoko kizoduga kivuye i kuzimu, kizobagwanya, kibaneshe, kibice. Imivyimba yabo izogangarara mw’ibarabara ryo mu gisagara kinini, nico mu buryo bw’ impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi niho umwami wacu yabambwe. Kand’abo mu moko n’imiryango n’i ndimi n’amahanga bazoraba imivyimba yabo imisi itatu n’igihimba, ntibazokunda ko iyo mivyimba ihambwa. Abari mw’isi bazonezerwa bazobitamba ku muvyimba, barungikirane amashimwe, kukw’abo bavugishwa n’Imana batoneka abari mw’isi. Iyo misi itatu n’igihimba ishize impwemu z’ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka, barahagarara : ubwoba bwinshi butera ababaraba.” (Ivyahisuriwe Yohana 11:2-l 1)IB 194.4

    Ico kiringo cavuzwe hano - “indwi mirongo ine na zibiri” hamwe “n’imisi ibihumbi bibiri n’amajana abiri na mirongo itandatu’” birangana, kandi yerekana ibihe Ishengero ryaciyemwo ririko riratotezwa n’abarongozi b’ishengero Gatolika ry’i Roma. Imyaka 1260 y’ubutware bw’ubupapa yatanguye mu mwaka wa 538 AD, kandi yategerezwa rero kurangira mu mwaka w’1798. Muri ico gihe ni ho ingabo z’Ubufaransa zinjira mu gisagara ca Roma maze Papa zimufata mpiri, ziramufiinga; yapfiriye iyo yari yangarijwe. N’ubwo, hadaciye igihe kirikire hagenywe uwundi mu Papa mushasha, ntibwongeye kugira ububasha nk’ubwo bwari busanzwe bufise imbere y’aho.IB 195.1

    Agahamo kwTshengero ntikabandanije igihe kingana n’imyaka 1260 cose. Ku bw’impuhwe Imana ifise ku bana bayo, yaciriye hagufi igihe co kubabazwa guteye ubwoba. Umwami ariko arabura ibihe “vy’akaga gakomeye”, yaravuze ati: ” Kand’iyo misi iy’itagerurwa ntihorokotse umuntu n’umwe ; ariko kubw’abatoranijwe iyo misi izogerurwa.”(Matayo 24:22) Kubw’ubwaku bw’ubugorozi ku bantu, agahamo karahagaze imbere y’umwaka w’ 1798.IB 195.2

    Ku vyerekeranye n’ibishinga intahe bibiri, umuhanuzi yahavuye amenyesha ibi: “Abo ni bo biti vy’imyelayo bibiri n’ibiterekwako amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’isi.” (Ivyahishuriwe Yohana 11:4) “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje.”(Zaburi 119:105) Ivyo vyabona bibiri vyerekana Ivyanditswe nk’uko biboneka mw’Isezerano rya kera n’Isezerano rishasha. Ayo masezerano yose ashingira intahe ku buryo buhambaye intango n’ukwamaho kw’amabwirizwa y’lmana. Yompi kandi ashingira intahe umugambi w’agakiza. Ibigereranyo, ibimazi, n’ubuhanuzi biboneka mw’isezerano rya kera vyatumbereza ku Mukiza yari yitezwe. Ubutumwa bwiza hamwe n’amakete biboneka mw’Isezerano risha bivuga ivy’Umukiza yamaze gushika nk’uko nyene vyari vyarabuwe bivuye mu bigereranyo n’ubuhanuzi.IB 195.3

    “Bazonshingira intahe imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu bambaye amagunira. ” Mu gice gihambaye c’iki kiringo, ibishingira intahe Imana vyagumye bitwikiriwe n’umwiza. Ubutegetsi bw’ubupapa bwarondeye uko bushoboye kunyegeza abantu ijambo ry’ukuri, ahubwo bushira imbere ibishingantahe vy’ibinyoma kugira ngo bigwize n’ubusa ico rishingira intahe. Igihe Bibiliya itari irekuriwe abantu ngo bayisome, kubera yuko abarongozi b’ishengero n’ab’igihugu bari bavyanse, igihe igishingantahe cayo catiturwa, kandi hagakorwa akigoro kose kugira ngo abantu n’abadayimoni bavumbure ivyotuma abantu bayizinukwa, mu gihe abubahuka kwamamaza ukuri kw’agaciro kayo bahigwa buhongo, bakagurishwa ngo bicwe, bagatotezwa, bakazikwa mu busho bunyegejwe, bagacika abamaratiri kubwo ukwizera kwabo canke bakagobererwa guhungira mu misozi ihanamye hamwe no mu vyobo no mu masenga y’isi - aho ni ho abashinga intahe b’abizigirwa bahanuye bambaye amagunira. Ariko barabandanije igikorwa cabo mu kiringo c’imyaka 1260. Mu bihe vy’umwiza w’umuzitanya harabonetse abantu b’abizigirwa bakunda ijambo ryimana kandi bafuhira icubahiro cayo. Abo basuku b’intahemuka bahawe ubukerebutsi, ubushobozi, n’ijunja ryo gushikiriza ukuri kw'Imana muri iki kiringo cose.IB 195.4

    “Kandi iy’umuntu agomvye kubagirira nabi, umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo : kand’umuntu niyagomba kubagirira nabi uko ni kw’akwiye kwicwa.” (Ivyahishuriwe Yohana 11:5) Abantu ntibokandagira ijambo ryimana ngo bareke guhanwa. Insiguro y’uku gucirirwaho iteka guteye ubwoba yarashizwe ahabona mu gice ca nyuma civyahishuriwe Yohana: “Uwumva wese aya majambo yavugishijwe yo mur’iki gitabo ndabishingira intahe kuri we, nti Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo , Imana izomwunguka ivyago vyanditswe mur’iki gitabo. Kandi nihagira umuntu akura ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo Imana izomukura ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera nk’uko vyanditswe mur’iki gitabo.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:18, 19)IB 196.1

    Izi ni imburi Imana yatanze kugira ngo zikingire abantu ntibahirahire ngo babe bohindura ku buryo na bumwe ivyo yahishuye canke yagenye. Uku gucirwako iteka kwashizwe icese ahabona kwerekeye abo bose kubwo ubwaku bafise bashobora gutuma badaha agaciro ijambo ry’Imana. Kwategerezwa gutuma abo bose bishigikira bavuga ko kwubahiriza Ijambo ryimana canke kutaryubahiriza ataco vyonona badegedwa, bakagira ubwoba. Abo bose bashira ivyiyumviro vyabo hejuru y’ivyimana yahishuye, abo bose bubahuka guhindura ubusobanuro bunengesereye bw’Ivyanditswe kugira ngo bahuze n’ivyo bipfuza canke kubwo kurondera kudaca kubiri n'ingendo y’isi, baba bariko barikururirako umutwaro uteye ubwoba. Ijambo ryimana nk’uko ryanditse, ibwirizwa ryimana, bizoshira ku munzane kamere y’umuntu wese, kandi abo bose urugero rutihenda ruzogira ico rubagiriza, bazocirwako iteka.IB 196.2

    “Kandi ni baheza gushinga intahe !” Ikiringo ivyo vyabona bibiri vyari gushinga intahe vyambaye amagunira carangiye mu mwaka wa 1798. Mu gihe bariko barasozera igikorwa cabo baranguriye mu mwiza, ubutegetsi bwagereranijwe « n’igikoko cuburutse kivuye i kuzimu”, bwarabarwanije. Mu bihugu vyinshi vy’i Buraya, mu binjana vyinshi, abategetsi bishengero hamwe n’ab’igihugu bari musi y’ububasha bwa Satani, yuririye ku bupapa. Ariko rero, hano tuhabona ku buryo bushasha ingene Satani yerekanye ubushobozi bwiwe.IB 196.3

    Ishengero ry’i Roma ryisunze ishaka rifise ryo kwubahiriza Bibiliya, ryamye ribifata nk’itegeko kuyigumya yugaraniye mu rurimi rutazwi kandi inyegejwe abantu. Mu gihe c’ubutegetsi bwaryo, ivyo vyabona vyashinze intahe « vyambaye amagunira.» Ariko uwundi mutware - « igikoko ciburutse kiva mu nda y’isi », categerezwa guhaguruka, kikarwanya icese Ijambo ryimana.”IB 196.4

    « Igisagara gihambaye »; mu mayira yaco ni ho biciye ivyo vyabona bibiri kandi ni ho ibiziga vyavyo vyasangagukiye, ni Egiputa « mu vya Mpwemu. » Mu bihugu vyose bivugwa mu mateka ya Bibiliya, mu buryo buteye ubwoba, Egiputa yarahakanye ukuboko kw’Imana nzima, yongera kandi iragagaza imbere y’ivyo itegeka. Nta mwami n’umwe yari bwigere agumuka icese agahangana n’ubutegetsi bwo mw’ijuru nk’umwami wa Egiputa. Aho Mose yamuzanira ubutumwa buvuye ku Mana, Farawo yamwishuye n’ubwibone bwinshi ati : «Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeri? Uhoraho sindamuzi kandi sindekura Abisirayeri. » (Kuvayo 5:2) Iyo ni imvugo y’ukutemera Imana, kandi igihugu kigereranywa na Egiputa categerezwa na co nyene kwerekana agatima kamwe n’aka Egiputa ko kutizera no kwubahuka guhangara umuremyi w’ijuru n’isi. Mu buryo bwa Mpwemu, «ico gisagara gihambaye kigereranywa kandi na Sodomu. Ububegito bwa Sodomu mu kwica amabwirizwa y’Imana bwabonekeye mu buryo budasanzwe mu bihimbaro vy’isi. Iki naco kandi cari icaha categerezwa kuza imbere muri bimwe vyari kuranga ico gihugu Ivyanditswe bidomako urutoke.IB 196.5

    Rero nk’uko biboneka mu majambo y’uwavugishwa n’Imana, gato imbere y’umwaka w’1798, ubutegetsi bumwe bufise inkomoko kuri Satani kandi buhuje akarangamutima na we, bwategerezwa guhaguruka bukarwanya Bibiliya. Hamwe n’ivyo, mu gihugu aho igishingantahe c’ivyabona bibiri vy’Imana cari kuzimanganywa, hategerezwa kugaragara uguhakana Imana nk’ukwa Farawo, n’ukugira irari ry’ivy’isi nk’ukwa Sodomu.IB 197.1

    Ubu buhanuzi bwarashitse ku buryo bwuzuye kandi budasubirwako mu mateka y’Ubufaransa. Mu gihe ca Revolisiyo, mu mwaka w’1793, « bwabaye ubwa mbere isi yumva ikoraniro ry’abantu, bavutse kandi bize mu gihe c’iterambere, babona ko ari uburenganzira kuri bo bwo kuzezwa ubutware bwa kimwe mu bihugu bigendera ku mategeko vy’i Buraya, badugiriza ijwi icarimwe bagahakana ukuri guhambaye kwonyene umuntu ashobora kuronka, kandi bakirengagiza nk’umuntu umwe ukwizera no gusenga Imana.»(-Sir Walter Scott, Life of Napoleon, vol. I, ch. 17.)IB 197.2

    « Ubufaransa ni co gihugu conyene mw’isi, nk’uko vyatororokanijwe mu mateka, cashize ukuboko hejuru maze kikagumuka icese imbere y’Umuremyi w’isi n’ijuru. Abantu benshi barogota, abantu batagira igitigiri batemera, barabayeho kandi n’ubu baracariho mu Bwongereza, mu Budagi, muri Espanye n’ahandi; ariko Ubufaransa buri ukwa bwonyene mu mateka y’isi nk’igihugu kimwe inama nshingamateka yaco yatangaje ko ata Mana iriho, maze abanyagisagara bose bo ku murwa mukuru Paris, hamwe n’abandi bantu benshi bo mutundi turere, abagabo n’abagore, batamvye bakaririmba banezerewe mu kwemera iryo tangazo.“( Blackwood’s Magazine, November, 1870.)IB 197.3

    Hamwe n’ivyo Ubufaransa burafise ibiburanga mu buryo budasanzwe bifitaniye isano n’ivyaranga Sodomu. Mu gihe ca Revolisiyo habayeho itituka ry’imico n’ubuntu bisa n’ivyaranze ibisagara vyo hambere bikabikururira ugusambuka. Kandi uwatohoje akahise afatira hamwe ukutemera Imana hamwe n’ugutituka kw’imico mu Bufaransa nk’uko vyashikirijwe mu buhanuzi: “Aya mategeko yari afise ingaruka ku madini yari afitaniye isano n’ayatituye umugenzo wo kwabirana - ukwitanga kuruta ukundi abantu bashobora gushikako kandi iyo kubungabunzwe gushobora gutuma igihugu gitunganirwa - ugukaba n’ukugiranira amasezerano gusanzwe imbere y’icabona giserukira ubutegetsi, ayo masezerano akaba ababoha mwempi uko muri babiri ku buryo mfatakibanza; ariko kandi umwe wese akaba ashobora kuyidohoramwo uko abishaka. Iyo abansi b’abantu baba barihaye igikorwa co kwankiriza ikintu cose cerekana ubuntu, cubahwa kandi camaho mu buzima bw’umuryango, babikoresheje ikibi cahererekanywe uko urunganwe rwagiye rukurikirana, nta kindi bari gushikako gishimishije uretse gutitura umugenzo wo kwabirana... Sophie Amauld, umupfasoni yabaye rurangiranwa ku vyiyumviro vy’ubwenge yasihikiriza, ariko aravuga ivy’uko kwabirana kwo muri ico gihe, yavuze ko ari “isakaramentu y’ubusambanyi.’’(-Scott, vol. 1, ch. 17.)IB 197.4

    “Aho kandi Umwami wacu yabambiwe.” Iri jambo ridasanzwe ryashikirijwe mu buhanuzi ryarashizwe mu ngiro n’Ubufaransa. Nta gihugu na kimwe cari carigeze kubonekamwo agatima ko kurwanya Kristo nk'uko kabonetse mu Bufaransa. Nta gihugu na kimwe ukuri kwari kwarahuye n’abakurwanya bafise ishavu ry’umurwanizi kandi benyaguje nk’Ubufaransa.Mu gahamo kagiriwe abemanga ubutuma bwiza, Ubufaransa bwariko burabamba Kristo bubicishije ku bigishwa biwe.IB 198.1

    Uko ibinyejana vyakurikiranye amaraso y’aberanda yarasesetse. Mu gihe aba Walidensi bankirizwa ubuzima mu misozi y’i Piedmont, “bahawe ijambo ry’Imana n’ugushingira intahe Kristo”, igishingantahe c’ukuri gisa n’ico cariko kirashikira abavandimwe babo bo mu Bufaransa: aba Alibigense. Mu misi y’Ubugorozi, ababwemeye barishwe urupfu rw’agashinyaguro. Umwami n’abaganwa, abagore bavukiye mu miryango ihambaye hamwe n’abigeme b’ibanga, abaza mbere y’abandi mu ngabo z’igihugu, banejereje amaso yabo baraba aho abamaratiri ba Yesu basambagurika imbere y’uko bacikana. Abahugeno b’intwari barwanira ubwo burenganzira ari co kintu gihambaye ku mutima w’umuntu, barasheshe amaraso yabo ku rugamba rukomeye. Abaprotestanti babagiriza ko batubahiriza amategeko; uwo wese yari gushobora kubaca imitwe baramwemerera agahembo. Barabahiga, bakabaturatuza nk’ibikoko vyo mw’ishamba.IB 198.2

    “Ishengero ryo mu Bugaragwa”, abantu bake bakomotse kuri abo bakritso bo hambere bari bakiba mu Bufaransa mu kinjana ca cumi n’umunani, aho bari barinyegeje kure mu misozi yo mu bumanuko, ntibari bwadohoke ku kwizera kw’abababoneye izuba. Iyo bagerageza kuraba ingene bokoranira hamwe mw’ijoro mu micamo y’imisozi canke mu turere tutabamwo abantu, kwaba ari ukwigerezako kuko intwaramiheto z’umwami zarabahiga maze abo zifashe zikabakatira igihano co kuzomara ubuzina bwabo bakorera ibikorwa bibaruhisha ahantu babacungereye. Abafaransa b’intore, b’ inkerebutsi kandi b’incabwenge, baraboshwe, baracunaguzwa ku buryo buteye ubwoba hagati y’ibisuma n’abicanyi (See Wylie, b. 22, ch. 6.) Abandi nabo, vyitwa ko bafashwe neza nk’abantu, ariko batagira uwo kubarwanirira canke kubafasha, bama ku bipfukamiro bishira mu maboko y’Imana; abo babarasa ata kinya. Abagabo amajana b’abatama, abagore badafise ikibakingira, abana ataco bazira, babasiga kw’isi ari imivyimba mu bibanza vy’amakoraniro. Bariko baragenda muri iyo misozi canke baca mu mashamba, aho bari bamenyereye gukoranira, ntivyari ibintu bidasanzwe ku ntambuko zine zine gusanga imivyimba y’abantu mu nzira canke yenena ku biti bayimanitseko. Igihugu cabo caratabagajwe n’inkota, ishenyo n’ibishitsi baboherako abantu bakabaturira; “cari cahindutse ubugaragwa bwagutse kandi buteye ubwoba.” “Ayo marorerwa yose ntiyariko arakorwa... mu gihe c’umwiza; yariko arakorwa icese mu gihe c’umuco witiriwe umwami Louis wa Cumin na Kane. Ubuhinga bwari bwitwararitswe cane, ivy’indome vyari biteye imbere, abahinga mu vy’iyobokamana bo ku kirimba i bwami hamwe n’abo ku murwa mukuru bari abantu banonosoye ubumenyi n’ubuhinga bwo kuvuga, kandi bama berakana cane ko barangwa n’ubugwaneza hamwe n’ibikorwa vyiza.” (Ibid., b. 22, ch. 7.)IB 198.3

    Ariko rero amarorerwa yarushije ayandi kuba mabi, ni ikibi kibishe cabaye mu binjana vyose vy’ubwicanyi bwose bw’agahomeramunwa, ni ubwicanyi bwabereye mu kibanza citiriwe Barutoromeyo mweranda. N’ubu isi irangwa n’agahinda hamwe n’umubabaro iyo yibutse ubwo bugizi bwa nabi butagira izina bwabaye. Umwami w’umufaransa agoberewe n’abapatiri hamwe n’abandi banyacubahiro bo mw’ishengero Gatolika ry’i Roma, ni we yahimirije ubwo bwicanyi. Inkengeri yavugijwe mu gicugu hagati mu rusengero rwitiriwe “umweranda Geremani l’Auxerrois ni yo yabaye ikimenyetso co gutangura ubwo bwicanyi. Abaprotestanti ibihumbi, baryamye mu nzu zabo mu mutekano ntangere, bishimikije ijambo ry’iteka ry’Umwami wabo, baratewe giturumbuka ata n’umwe yababuriye, barabanigagura, barabaheza.IB 199.1

    Nk’uko Kristo, umurongozi batabonesha amaso, yakuye abantu biwe mu buja bwo muri Egiputa, Satani nawe ni we yariko arongora izo nkorabara zamenye amaraso zigatuma igitigiri c’abamaratiri congerekana. Mu gihe kingana n’imisi indwi, ubwicanyi bwarabiciye biracika mu murwa mukuru Paris; imisi itatu ya mbere babukorana ubugizi bwa nabi busiga ubwenge. Ikindi kandi, ubwo bwicanyi ntibwabaye mu murwa mukuru honyene; ariko Umwami yari yatanze itegeko ridasanzwe ryashoboje abo bicanyi gushika mu ntara no mu bisagara aho hose hari haba abaprotestanti. Abo bicanyi ntaco bubahiriza, caba igitsina canke imyaka y’abantu. Ntibagera umutwe abana bato ataco bazi, ntibanarengana n’umutama w’imishatsi ibiri. Abaganwa n’abanyagihugu, abato n’abakuru, abavyeyi n’abana babamarira ku buhomba bose. Ubwo bwicanyi bwamaze amezi abiri yuzuye buriko bukorerwa mu gihugu c’Ubufaransa hose. Abantu ibihumbi mirongo indwi batabuze ico bari kumarira igihugu cabo, barishwe bunyamaswa.IB 199.2

    “Inkuru y’uko abantu isinzi bagandaguwe imaze gushikira abarongozi b’Ishengero Gatolika i Roma, umunezero bagize wari urenze urugero. Umu Kardinari w’i Lorraine yahaye uwo amuzaniye iyo nkuru ingori igihumbi mu kumushimira; igikoho kinini c’i Saint Angelo carasiranye nk’uko coba kiriko kiraha ikaze y’umunezero iyo nkuru; kandi inkengeri zaravugijwe urutavanako mu masengero yose; imiriro icanywe kubwo kunezerwa yatumye mw’ijoro habona nko ku murango; maze Gregory XIII, aherekejwe n’aba Karidinari hamwe n’abandi banyacubahiro bo mw’ishengero, yaciye afatanya nabo bagira urugendo rurerure baje mu rusengero rwa Rudoviko mweranda aho Karidinari w’i Lorraine yaririmvye Te Deum.... Ikidari c’umwakaka carahinguwe ngo kizokwame cibukiriza ico gihe kidasanzwe. Ikindi kandi, i Vatikano, urashobora kubona n’ubu ibisigarira vy’i Vasari vyerekana ubwo bwicanyi bwa Coligny, umwami ariko agirisha inama y’ubwo bwicanyi hamwe n’ingene bwagenze. Gregory wa XIII yarungikiye umwami kandi ishimwe ry’iroza y’izahabu maze inyuma y’amezi ane ubwo bwicanyi bubaye.. .yakurikiranye anezerewe insiguro y’umupadiri w’umufaransa... yariko avuga ivy’uwo musi wari wuzuye akamwemwe n’umunezero, aho umuvyeyi mweranda aruta abandi yamenye iyo nkuru maze agaca agenda icese anezerewe gushimira Imana hamwe n’umweranda Ludoviko.” (Henry White, The Massacre of St. Bartholomew, ch. 14, par. 34.)IB 199.3

    Iyo mpwemu yakoresheje abantu mu bwicanyi bw’i Barutoromeyo heranda ni nayo yiyerekanye mu vyashitse mu gihe ca Revolisiyo. Haravuzwe ko Yesu Kristo ari umuhumvyi, kandi ijambo abafaransa batizera bahurirako, kandi bakama barihererekanya ryari iri ngo:“Honyanga umuhumvyi”, ni ukuvuga Kristo. Ukwubahuka kurogota kw’ijuru hamwe n’ubugizi bwa nabi buteye isoni birakwegana kandi abantu batagifise ubuntu, bari basigaye bigenza nk’ibikoko kubwo ubwicanyi no kugira nabi, nibo bavugwa neza gusumvya abandi. Muri ibi vyose, icubahiro kidasanzwe caba gihawe Satani; mu gihe Kristo, nkuko arangwa n’ukuri, ubweranda n’urukundo rushira abandi imbere, yari amanitswe ku musaraba.IB 200.1

    “Igikoko ciburutse kiva mu nda y’isi kizobarwanya, kibatsinde, kandi kibice.” Ubushobozi butemera Imana bwarongoye Ubufaransa mu gihe ca Revolisiyo no mu gihe c’intwaro y’ubwoba bwatanguje urugamba rurwanya Imana hamwe n’ijambo ryeranda ku buryo isi itari bwigere ibona ikintu nk’ico. Inama nshingamateka yemeje ingingo yo kubuza abantu gusenga Imana. Bibiliya zaregeranywa maze bakaziturira izuba ryaka n’agasuzuguro kenshi. Amabwirizwa yimana yarahonyanzwe ata camira. Ibigo vyigisha ivy’iyobokamana vyarugawe. Umusi w’ikiruhuko mu ndwi bawushize i ruhande bawusubiriza umusi ugira cumi aho bakorana bakarogota. Umubatizo n’ingaburo yera vyarahagaritswe. Ikindi kandi, mu kibanza co gushinguramwo abapfuye bashizeyo ivyandiko ku buryo bisomwa na bose, ko urupfu ari itiro ry’ibihe vyose.IB 200.2

    Baremeza ko ugutinya Imana aho kuba intango y’ubwenge ahubwo ari intango y’ubusazi. Integuro zose z’idini zijanye no gusenga zari zibujijwe kiretse gusa izijanye n’ukwidegemvya hamwe n’igihugu. Umwepisikopi wi paris yari mu nama nshingamateka yararengutse imbere mu kugira uruhara ruhambaye mu gikino kitabereye kandi giteye isoni kitari bwigere na rimwe gikinirwa imbere y’urwego ruserukira abanyagihugu.... Yaserutse imbere y’urwo rwego yisakaye umwambaro w’amabara yari ajejwe kugira ngo amenyeshe iryo koraniro ko idini amaze imyaka yigisha, mu mpande zose, ari ikintu abantu ubwabo bishiriyeho, ko ata hantu na hamwe rifise umushinge haba mu mateka ya kahise canke mu kuri kweranda. Yarahakanye icese, akoresheje amajambo atomoye neza ko ata Mana iriho naho yari amaze igihe kitari gito yigisha abantu ibijanye no kuyisenga, maze yiha ubwiwe inshingano mu gihe yari agisigaje kubaho yo gukorana umwidegemvyo, kurondera ko abantu bangana, gukorana ineza no kugira ivyiyumviro vyiza. Yaciye afata ibimenyetso yabonekerako ko ari umwepisikopi aravyikura, abirambika ku meza yari aho, maze umukuru w’inama nshingamateka aca aramugumbira amukeza. Abapadiri benshi bahakanye bakurikiza akarorero bamubonyeko”. (Scott, vol. 1, ch. 17)IB 200.3

    “Abari mw’isi bazonezerwa, bazobitamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw’abo bavugishwa batoneka abari mw’isi”. Ubufaransa butizera bwatumye abashingira intahe Imana babiri ijwi ryabo rinuma. Ijambo ryimana ntiryari rikiboneka mu mayira kandi abansi b’ivyagezwe vyimana n’amabwirizwa yayo bari mu munezero. Abantu baragaye icese Umwami wo mw’ijuru. Nk’abanyavyaha bo mu bihe vya mbere barumvikanisha ijwi ryabo bavuga bati: Imana yobibwirwa n’iki? Isumba vyose hari ico izi?” (Zaburi 73:11)IB 200.4

    Umwe mu bapatiri bo mu miryango mishasha y’abihebeye Imana yavuze amajambo y’amarogotano asiga ubwenge n’ukwenyaguza kwinshi ati: “Mana nimba uriho, horera izina ryawe batukishije. Bikore turabe! Wigumiye mu gacerere ntiwubahutse kurekura imituragaro yawe. Inyuma y’ayo marorerwa ninde azokwemera ko ubaho? (Lacretelle, History, vol. 11, p. 309; in Sir Archibald Alison, History of Europe, vol. 1, ch. 10) Mbega ukuntu kandi aya majambo yibukiriza ivyo Farawo yavuze: “Yehova ninde kugira ngo nubahe ijwi ryawe?”Yehova sindamuzi!IB 201.1

    “Umusazi yibwiye mu mutima wiwe ngo nta Mana iriho.” (Zaburi 14:1) Kandi kuri abo bose bagoreka ukuri Umwami avuga ko “ubusazi bwabo buzogaragarira abantu bose.”(2 Timoteyo 3:9) Ubufaransa bumaze guhakana bukanka gusenga Imana nzima, kibirengeye , asumba vyose kandi yamaho ibihe vyose, hari hasigaye akanya gato gusa bugakorokera mu gusenga ibintazi, mu gusenga ikigirwamana c’igitsina kobwa “Bwenge” cari gihagarariwe n’umugore w’icamamare. Kandi rero, ibi vyabereye mu ngoro nshingamateka, bikozwe n’abategetsi bakuru mu ntwaro hamwe n’abaserukira abanyagihugu. Umuntu yatohoje kahise avuga ibi: ” Ibirori bimwe mu birori vy’ico gihe c’urukozasoni nta bindi wobigereranya uravye ukuntu utoshobora kubisigura n’ingene vyariko birimika ikibi. Imiryango y’icumba c’amanama yarugururiwe umugwi w’abacuraranzi maze bakurikirwa n’abajenama b’ico gisagara bari bahagaze ku murongo hanyuma binjira baririmba indirimbo yo kwidegemvya; kandi bagendaniye ico bari bagiye guha agaciro mu gusenga kwabo muri kazoza; umugore yari yitwikiriye, bahavuye bita “ikigirwamana c’igitsina gore” ‘Bwenge’. Amaze gushika mu cumba c’inama, baramutwikuruye n’iteka, maze baca bamuha ikibanza, yicara iburyo bw’aho umukuru w’inama yari avyagiye, maze abantu babona bari basanzwe bamuzi kuko yari umukobwa yari amenyereye gutamba mu nzu y’ibikino....Inama nshingamateka y’Ubufaransa yaciye imuhunda impundu icese, nk’umuntu abereye kuba mu kibanza “c’imana bwenge ” bagiye gusenga.IB 201.2

    Ibi birori biteye isoni kandi vy’ikibi vyahavuye vyiganwa: mu gihugu cose c’ubufaransa baratunganije ibirori nk’ivyo vyo kwimika ikigirwamana “Bwenge” c’igitsina gore, aho hose abanyagihugu bagomba kwerekana ko bakwije ibisabwa kugira ngo habe Revolisiyo.” (Scott, vol. 1, ch. 17.)IB 201.3

    Uwafashe ijambo atanguza iyo ngendo nshasha yo gusenga ikigirwamana “Bwenge” yaravuze ati: ” Bashingantahe! Ugushigikira ibintu hatabaye kurimbura ikintu n’ikindi kwigije inyuma ugukoresha ubwenge. Amaso yakwo yaraba imirazi ntiyashoboye kwihanganira uguca ibibatsi kw’umuco. Kuri uyu musi, abantu isinzi bakoraniye munsi y’iki gisenge c’iyi nyubakwa, aho bumvise ubwa mbere na mbere ukuri. Aha niho Abafaransa baninahaje ugusenga kw’ukuri; ukw’umwidegevyo, ukw’ubwenge. Aha niho twipfurije iteka n’itekane ibirwanisho vya Repubulika. Aha niho tuvavanuriye n’ibigirwamana bitagenda, tubisubirije “Bwenge”, ishusho ifise ubuzima kandi iruta ibindi vyose mu vyaremwe. (M. A. Thiers, History of the French Revolution, vol. 2, pp. 370, 371.)IB 201.4

    Uyo mugore yari yagizwe ikigirwamana amaze gushikanwa mu ngoro y’amakoraniro, uwari ashinzwe gushikiriza ijambo yamufashe ukuboko maze aca ahindukirira ishengero rikoranye aravuga ati: “Bantu mwambaye umubiri upfa, ntimusubire kujugumira imbere y’imituragaro ata bushobozi ifise y’Imana mwashizeho kubera ubwoba bwanyu. Kubera ico, mutahure ko ata Mana iriho ariko ko hariho ubwenge. Ndabashikirije ishusho y’ubwenge itunganijwe neza kandi itagira agasembwa; hamwe vyoba ngombwa ko habaho ibigirwamana; ntihagire ikindi mwohunda impundu uretse uyu mugore ari imbere yanyu. Nimukubite inkoro hasi imbere y’inama nkenguzamateka y’umwidegemvyo; yo shishiro ry’Ubwenge!”IB 201.5

    Uwo mugore yari yasubiriye ikigirwamana amaze kuramutswa n’iteka n’umukuru w’inama nshingamateka, bamushize ku ngendeshwa iteye igomwe, maze baramutembereza, bamucisha hagati y’abantu isinzi, bamushikana kuri Katedrale “Umuvyeyi wacu”, ngo aharonke icicaro nk’Imana. Aho yaciye ashikanwa kuri arutari iri ahantu hiherereye maze abantu bari bakoraniye aho bose baramusenga. (Alison, vol. 1, ch. 10.)IB 202.1

    Hatararengana igihe kirekire, ibi birori vyakurikiwe no guturira Bibiliya ku mugaragaro. Igihe kimwe abantu bagize ishirahamwe rurangiranwa ry’icapiro ryo mu Bufaransa binjiye ahariko habera inama bavuga cane bati: “Bwenge narambe”. Hamwe n’ivyo bari bateruje inkoni ibisigarira vy’ibitabo bitandukanye bari baturiye muri vyo harimwo ibitabo vyo kwifashisha mu gusenga, ibitabo harimwo ibisomwa vyatoranijwe, Isezerano rya kera hamwe n’Isezerano risha; “vyari vyababarijwe mu muriro uhambaye”,nk’uko umukuru w’inama nshingamateka yavuze, kubwo ubusazi vyari vyatumye abantu bakora. (Journal of Paris, 1793, No. 318. Quoted in Buchez- Roux, Collection of Parliamentary History, vol. 30, pp. 200,201.)IB 202.2

    Ubupapa ni bwo bwari bwaratanguye ico gikorwa abahakana ko ata Mana iriho bariko baraheraheza. Amategeko y’Ishengro Gatolika ry’i Roma yari yashize ahagaragara icatumye Ubufaransa bushikirwa n’ingorane mu vy’imibano, mu vya politike hamwe n’ivy’amadini, zayikwegeye uguhona. Abanditsi iyo bibuka ubugizi bwa nabi bwaranze Revolisiyo, bavuze yuko ayo marorerwa arenze urugero akwiye kwagirizwa intebe y’ubwami hamwe n’Ishengero. Mu butungane butagira aho buhengamiye ayo marorerwa ni ayo kwagiriza Ishengero. Ubupapa bwararoze abami mu vyiyumviro bari bafise vyo kumenya Ubugorozi, babubona nk’umwansi wabo, ikintu kizana ukutumvikana kwohava kubangamira amahoro n’umutekano w’igihugu. Mu barongozi b’Ishengero Gatolika ry’i Roma niho havuye ivyiyumviro vyasunitse abantu gukorera abandi ikibi kibishe hamwe n’ugutotezwa kutagira izina umwami yashigikiye.IB 202.3

    Ingendo ishigikira umwidegemvyo w’abantu ishinze imizi muri Bibiliya. Aho hose ubutumwa bwiza bwashika ivyiyumviro vy’abantu vyaramurikirwa; amaso yabo akuguruka. Iminyororo y’ubutamenya, y’ubugizi bwa nabi n’iyo ukwemera ibintanzi yari ibaboheye mu buja butagira uko bwovugwa, yatanguye gucagagurika. Batanguye kwiyumvira no gukora nk’abantu. Abami barabibonye baca batangura kudegedwa kubwo intwaro zabo z’umukazo.IB 202.4

    Abarongozi b’ishengero ry’i Roma ntibatanzwe gukokeza kubera ishari batewe n’ubwoba. Mu mwaka w’1525, uku niko papa yabwiye uwo yari asanzwe aserukira Ubufaransa: “Ubu bugesera(ubuprotestanti) ntibuzotesha gusa umutwe idini canke ngo burisenye, ariko buzobikorera n’abatware bose, abaganwa, amategeko, inzego hamwe n’intebe.”(G. de Felice, History of the Protestants of France, b. 1, ch. 2, par. 8) Inyuma y’imyaka mike, intumwa ya Papa yabwiye umwami iti: “Nyakwubahwa, ntiwemere guhendwa. Aba protestanti bazobangamira inzego z’ubutegetsi hamwe n’iz’ishengero .... Intebe y’ubwami irabangamiwe co kimwe n’uruhimbi... Umuzo w’idini rishasha utegerezwa vyanka bikunda kwimika intwaro nshansha.” (D'Aubigne, History of the Reformation in Europe in the Time of Calvin, b. 2, ch. 36.) Kandi abakurikiranye ivy’iyobokamana baciye begenyeza ivyiyumviro vy’abantu bidafise ishimikiro bavuga ko inyigisho y’aba protestanti “ijana abantu mu bintu bishasha no mu busazi; ko ituma abantu batoba bagikunda umwami, ko isambura ishengero n’igihugu.. Uko niko Ishengero Gatolika ry’i Roma ryashoboye gutuma Ubufaransa burwanya Ubugorozi. “Inkota y’agahamo yakuwe ubwa mbere na mbere mu rwubati mu Bufaransa kugira ngo itsimbataze intebe y’ubwami, ikingire abaganwa, kandi itsimbataze amategeko.”(Wylie, b. 13, ch. 4.)IB 202.5

    Abarongozi b’igihugu bafashe minenengwe ingaruka z’iryo tegeko ry’urwanko. inyigisho za Bibiliya zari kuba zarateragiye mu bwenge no mu mitima y’abantu ingingo ngenderwako z’ubutungane, ukwigerera, ukuri, ugusabikanya n’ukugira neza; izi nazo zikaba ari ryo buye ry’imfuruka ry’iterambere ry’igihugu.. ..“Ubugororotsi bushira igihugu hejuru.” Ku kaba nkako “ingoma ikomezwa n’ubugororotsi.” (Imigani 14:34; 16:12) “Igikorwa c’ubugororotsi gishikana ku mahoro kandi kikazana ugutekereza n’ivyizigiro gushitsa ibihe bidashira.” ” (Yesaya 32:17) Umuntu yubaha amabwirizwa y’lmana azozirikana kenshi mu kuri kandi yubahe amategeko y’igihugu ciwe. Umuntu atinya Imana azoha umwami icubahiro mu gihe cose ategekana ubuntu kandi akurikiza amategeko. Ariko Ubufaransa bwerekanye ko butanezerejwe n’ijambo ryimana, bwaraciye Bibiliya mu gihugu kandi burangaza abigishwa bayo. Ikinjana inyuma y’ikindi, abantu bagendera ku ngingo kandi banka umugayo; abantu b’incabwenge babona kure kandi barangwa n’ubuntu bukomeye; abantu badatinya kuvuga ivyo biyumvira kandi bafise ukwizera gushitse ku buryo badatinya kubabazwa kubera ivyo bemera - mu gihe kingana n’ibinjana, abo bantu babayeko nk’abagurano bari mu buja, barishwe babaturiye n’umuriro canke bahambwe babona mu busho babugaraniyemwo. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bashoboye kunyaga amagara ari uko bahunze, kandi ibi vyarabandanije igihe kingana n’imyaka 1260 Ubugorozi bumaze gutangura.IB 203.1

    Nta runganwe rw’abafaransa na rumwe rutabonye muri ico kiringo aho abigishwa bashingira intahe ubutumwa bwiza bahunga imbere y’ishavu ry’abariko barabahama, kandi bagahungana ubwenge bari bafise, ubuhinga, amahinguriro yari yabateje imbere, hamwe n’ubumenyi bwo kwitunganiriza ibintu, bakagenda gutungisha ibihugu baronkamwo ubuhungiro. Kandi uko ibihugu bahungiramwo vyaharonkera akoyoko kubera ubutunzi hamwe n’ibintu baje bibangikanije, igihugu bari bavuyemwo bagisize kigaragara, carahahombera. Iyo ibi bintu vyose vyari bijanywe ahandi vyari kugumizwa mu Bufaransa; iyo muri iyi myaka amajana atatu, ubuhinga mu gushinga amahinguriro bw’aba bantu bwari gukoreshwa mu guteza imbere igihugu cabo; iyo muri iyo myaka amajana atatu abafise ubuhinga mu tugenegene bari kuba bateje imbere umwuga wabo; iyo muri yo myaka amajana atatu, ubuhinga bwabo mu kwiyumvira n’ubushobozi bwabo mu kurimbura ivyandiko babikoresha mu guteza imbere ubuhinga mu kwandika hamwe n’ubumenyi; iyo ubukerebutsi bwabo babukoresha mu kurongora inama zabo, ukurinduka kwabo bakagukoresha mu ntambara barwanye; iyo ukutagira aho bahengamira kwabo bagukoresha mu gutunganya amategeko yabo; kandi iyo idini ryo muri Bibiliya rikomeza ubwenge kandi rikarongora umutimanama w’abanyagihugu b’Ubufaransa, mbega icubahiro gihambaye Ubufaransa bwari kuba bufise! Kiba ari igihugu gihambaye, giteye imbere kandi kinezerewe. Cari kuba akarorero ibindi bihugu vyari kurabirako.IB 203.2

    Ariko rero ubuhumyi hamwe n’ukutarimbura ibintu n’ibindi vyatumye Ubufaransa bwirukana ku butaka bwabwo, umuntu wese yigisha ukuri, umuntu wese aharanira ko habaho integuro nziza mu gukora ibintu, umuntu wese ashigikira mu bwizigirwa intebe y’umwami; mu kubwira abantu baba “baratumye igihugu cabo kiba rurangiranwa kandi kikagira icubahiro kw’isi” ngo “hitamwo ubuhungiro canke uguturirwa ” Amaherezo y’ibi vyose yari isamburwa ry’intwaro; nta mutimanama wari ugisigaye wo guharira ivomo; nta dini ryari rikiriho ryo kubohera ku giti ngo uturire; nta gukunda igihugu kwari kugisigaye ngo kube kwo kwangazwa (Wylie, b. 13, ch. 20.) Ingaruka y’ibi vyose yabaye Revolisiyo hamwe n’inkurikizi zayo zari ziteye ubwoba.IB 204.1

    Uguhunga kw’abaprotestanti bavuye mu Bufaransa kwatumye muri rusangi ico gihugu gisubira inyuma. Ibisagara vyari bisanzwe birimwo amahinguriro ateye imbere vyasubiye inyuma; intara zari zisanzwe zimera zongeye kuba nk’umushike. Igihe c’iterambere ryiyongera casubiriwe n’isubiranyuma muvy’ubumenyi hamwe no mu vy’imibereho runtu. Igisagara ca Paris cahindutse inzu nini ya ba ntahonikora, ku buryo hagereranywa ko aho Revolisiyo yatangura abantu bagera mu bihumbi amajana abiri basaba umwami ubufasha kugira ngo babeho. Umuryango w’ingenzi za Yesu wonyene ni wo wari wateye imbere muri ico gihugu cari carasambutse kandi watwaza igikenye giteye ubwoba insengero n’amashure, amabohero n’ibibanza bikorerwamwo ibikorwa biruhisha.IB 204.2

    Ubutumwa bwiza bwari gushobora kuzanira Ubufaransa inyishu y’izo ngorane za politike n’iz’imibano, ubuhinga bw’abihebeye Imana, bw’umwami hamwe n’ubw’abashingamateka butari bwoshoboye gutora. Impera n’imperuka izo ngorane zatumye igihugu kigwa mu kajagari kandi kirasambuka. Ariko mu gihe Ishengero Gatolika ry’i Roma ari ryo ryari rifise ububasha, abantu baratakaje inyigisho z’imihezagiro z'umukiza z’ukwitanga hamwe n’urukundo rutironderera inyungu. Bari barajanywe kure y’umugenzo wo kutishira imbere kubwo ineza y’abandi. Abatunzi ntibari barahambariwe kubera ingene batoteza abakene, kandi abakene nta bufasha bari bararonse mu buja no mu gakengerwe barimwo. Ukwikunda kw’abatunzi n’abafise ubushobozi kwakomeje kurushirizaho kugaragarira abantu bose mu buryo gukandamiza abakene. Mu kiringo c’ibinjana, irari ry’ibintu no gukunda ibihimbaro vy’abaganwa vyatumye umunyagihugu arushirizaho gukandamizwa. Umutunzi yagirira nabi umukene, kandi umukene nawe akanka umutunzi.IB 204.3

    Mu ntara nyinshi z’igihugu, abaganwa ni bo bari bafise amatongo, kandi abantu benshi b’abakozi barakota ibivi vyo kurima; wasanga rero babasaba amananiza bakavyemera kubera ukubura uko bagira. Umutwaro wo gushigikira Ishengero n’intwaro wari wikorewe n’abantu babayebaye hamwe n’abantu bo hagati no hagati batanga amakori aremereye basabwa n’ubutegetsi bw’igihugu hamwe n’abarongozi b’ishengero. “Uguhimbarwa kw’abaganwa kwabonwa nk’itegeko risumba ayandi. Abarimyi n’abandi banyagihugu barashobora kwicwa n’inzara ariko ababatiza amatongo yo kurima ntibigire ico bibabwiye. .. Igihe cose, abantu bama basabwa kwitwararika inyungu z’abo bakoteye amatongo. Ubuzima bw’abo barimyi bwari ubuzima bwo kwama ukora utaruhuka kandi bw’ubukene butigera bugabanuka; imyidogo yabo, iyo vyashika bagahirahira bakidoga bayigwiza n’ubusa, bakabakengera cane. Ingoro z’ubutungane zaha igihe cose ijambo umuganwa zikaryima umunyagihugu; abacamanza barakira ingurire icese; kandi abantu b’abatunzi ico baba bipfuza caca gihinduka nk’itegeko, kubwo uburyo bwo gukora barimwo bwari bwatumye hama hatangwa igiturire. Amakori yatozwa abantu n’abategetsi b’igihugu hamwe n’abarongozi b’ishengero, ica kabiri cayo nico cinjira mu bubiko bw’umwami canke bw’umwepisikopi, ibisigaye barabisesagura mu kwinezereza. Kandi abantu batungishwa n’abandi bakabasiga mu bukene, bo nta kori batanga, kandi bari bafise uburenganzira bahabwa n’amategeko hamwe n’imigenzo bwo kudatanga utwigoro igihugu gisaba. Uwo musi ufise uburenganzira budasanzwe wari uw’abantu ibihumbi ijana na mirongo itanu; abo bari babeshejweho n’abandi amamiliyoni bari babayeho ubuzima butagira ivyizigiro kandi butagira isaganirizo. I bwami harangwa n’ibintu vy’agaciro hamwe n’ugusesagura. Ukwizigirana hagati y’abatware n’abatwarwa kwari guke. Ingingo yose yaba ifashwe n’igihugu barikeka ko ariyo kwigungirako kandi itumberejwe ku bantu bam we. Imyaka mirongo itanu imbere y’uko habaho Revolisiyo intebe y’ubwami yari ivyagiweko n’umwami Ludoviko wa XV, yari azwi no muri ivyo bihe vy’ikibi, ko ari umunebwe, akunda inda hamwe n’ibiryohera amaso.IB 204.4

    Kubw’abo bantu bashizwe hejuru bari barataye akaranga kandi barangwa n’ubugizi bwa nabi; kandi kubera yuko abantu babayabaye ari bo bari benshi, igihugu nta buryo cari gifise kandi abanyagihugu bari bacitse ivutu; umuntu ntiyari akeneye kugira amaso y’umuhanuzi kugira ngo abone ko hariho akaga gahambaye kagiye gushika. Iyo abahanuzi b’umwami bagira ico bamugabishijeko, yari amenyereye guca abishura ati: ” Ibintu ni mubireke bibandanye uko bimeze igihe cose nzoba nkiriho, ni namara gupfa bizogenda uko bishaka.” Gusaba ngo habeho ivugurura kwari uguta umwanya. Umwami yarabona ibibi, ariko yari abuze ubutwari n’ubushobozi vyo guhangana navyo. Akaga kari karindiriye Ubufaransa kabonekera mu nyishu yiwe yerekana ubunebwe n’ukwikunda. “Inyuma yanje, harabe umwuzurira!”IB 205.1

    Mu kwegenyeza ishari ry’abami n’iry’abatware, abarongozi b’ishengero Gatolika i Roma bariko babasunika ngo babohere abantu mu buja; kandi bari bazi neza yuko ivyo bizotuma intwaro y’igihugu igira intege nke maze bigatuma bashika ku ntumbero yabo yo kugira ijambo ku batware no ku batwarwa. Ryisunze politike yaryo yashika kure, ryarabona yuko iyo ushaka gushika ku rugero rw’aho wifatira abantu vy’ukuri, ukwiye kubohesha imitima yabo iminyororo; kandi ko uburyo bwo kubazibira ngo bagume mu buja ari ukubabuza kugira umwidegemvyo. Ingaruka y’ingendo nk’iyo kwabaye ugutituka kw’imico n’akaranga; ibi navyo bikaba vyari bibi incuro igihumbi ku buryo burengeye imibabaro yo ku mubiri. Abantu babujijwe gutunga Bibiliya no kuyisoma, bakama babaronsa inyigisho zishira imbere ukwikunda no gushigikira ibintu hatabayeho ukurimbura ikintu n’ikindi; bagumijwe mu butamenya no mu kwemera ibintazi, badibukira mu bukozi bw’ikibi ku buryo bitari bikibashobokera ko bogaruka mu murongo mwiza.IB 205.2

    Ariko ingaruka y’ibi vyose yabaye igihushane c’ivyo Ishengero Gatolika ry’i Roma ryiyumvira. Aho gutuma abantu isinzi baguma mu buhumyi mu kwubahiriza ivyo ryashinze bidahinduka, igikorwa caryo catumye abantu bahinduka abahakanyi n’abagumutsi. Inyigisho z’lshengero Gatolika ry’i Roma barazizinutswe bazifata nk’utugenegene tw’abapadiri. Abarongozi b’ishengero babafashe nk’umurwi ubafatiye amaboko i mugongo mu kubakandamiza. Imana yonyene bari bazi yari imana y’i Roma; inyigisho z’i Roma ni ryo dini ryonyene bari bazi. Irari n’ubugizi bwa nabi vy’i Roma babibona nk’uko vyoba ari ivyamwa bisanzwe vya Bibiliya, vyari kubabera vyiza iyo batabimenya.IB 205.3

    Ishengero ry’i Roma ryari ryerekanye ukutari kwo kamere y’Imana kandi rititura n’amabwirizwa yayo, ubu rero abantu ntibari bacemera Bibiliya hamwe n’Uwayitanze. Ishengero ry’i Roma ryari ryasavye abantu ko bemera bahumirije inyigisho zaryo kandi ko Ivyanditswe vyasabira igihano uwo wese atavyubahiriza. Igihushane kuri ibi ni uko Voltaire hamwe n’abamufasha bashize ku ruhande ijambo ryimana ryose, maze bakwiragiza hose uburozi bw’ukutizera. Ishengero ry’i Roma ryari ryahonyangishije abantu ibirenge vyaryo vy’icuma; ubwo rero kubwo kwama mu bwoba bw’ako gacinyizo, abantu isinzi bama batotezwa, agateka kabo kagatiturwa. Ariko ntivyari bigikunda ko bacinyizwa. Kubwo guterwa ishavu no kuba babayeho igihe kirekire baha icubahiro ibintu bisa n’ukuri kandi atari kwo, bahakaniye icarimwe ukuri n’ikinyoma; maze kubwo kwitiranya ukutagira itegeko rikugenga n’umwidegemvyo, abari basanzwe bari mu buja bw’ikibi babuvuyemwo maze binjira mu mwidegemvyo bo ubwabo biyumvira.IB 206.1

    Mu misi y’intango y’iyo Revolisiyo, kubwo ingingo y’umwami, abanyagihugu bahawe igitigiri c’ababaserukira mu nama y’igihugu kirengeye ico abaganwa n’abarongozi b’ishengero bari hamwe. Uko rero ni ko bari bafise ububasha mu minwe; ariko ntibari biteguye kubukoreshanya ubukerebutsi no gucisha make kubera ko bumva bakwiye kwihutira gukosora amakosa bakorewe agatuma baca mu mubabaro; bihaye umugambi wo kunagura igihugu. Bari basanzwe bagiye bashikirwa n’akarenganyo, ivyiyumviro vyabo vyari vyuzuye ishavu ry’umururazi kubera ibibi bakorewe bishinguwe mu bubiko bw’ubwenge bwabo, baciye biha ishingano yo guhindura ibintu, igihugu kikava mu magorwa abantu batagishoboye kwihanganira kandi bakongera bakihora kuri abo bose bagiriza ko aribo nkwezi y’amarere kuri iyo mibabaro baciyemwo. Abo bantu bari barakandamijwe bashize ahabona icigwa bari barize mu gihe babahahaza, maze baca bahinduka nabo abahahaza abari barabahahaje.IB 206.2

    Ubufaransa bwaragowe! Umwimbu w’amaraso wabwo wavuye ku mbuto bwari bwarabivye. Ingaruka zabushikiye kubera kuba bwaremeye bugakorera musi y’ubushobozi bw ishengero Gatolika ry’i Roma zari ziteye ubwoba. Kubera kugirwako ubwaku n’lshengero Gatolika ry’i Roma, mu kibanza Ubufaransa bwashinzemwo igishitsi ca mbere co kuboherako abantu ngo babaturire Ubugorozi bugitangura, aho nyene niho Revolisiyo yashinze imashini ya mbere yo kunyonga abantu. Ku kibuga aho abamaratiri ba mbere b’abaprotestanti bashingiye intahe ukwizera babaturiye, mu kinjana ca cumi na gatandatu, ni ho banyongeye abantu ba mbere mu kinjana ca cumi n’umunani. Mu kwigiza kure no mugutera umugongo ubutumwa bwiza bwari kubazanira urukiza, Ubufaransa bwugururiye urugi ukutemera Imana hamwe n’uguhama. Mu gihe amabwirizwa yimana akingira umuntu yari ashizwe i ruhande; vyarabonetse yuko amabwirizwa y’umuntu atari ashoboye kubuza ibigumbagumba kuja ahabona; maze igihugu kigwa mu mugumuko no mu kajagari. Intambara yo kurwanya Bibiliya yabaye intango y’ikiringo kizwi mu mateka y’isi nk’intwaro y’iterabwoba. Amahoro n’umunezero ntivyari bikirangwa mu ngo z’abantu, hamwe no mu mitima yabo. Uwatera imbere uyu musi baramwikeka bukeye bwaho bakamucirako iteka. Nta mutekano waharangwa. Ubugizi bwa nabi no gukwegwa n’ibihimbara umubiri ni vyo vyari vyahatse indaro.IB 206.3

    Umwami, uburongozi bw’ishengero hamwe n’abaganwa barashikiwe n’amarorerwa yo kugirirwa nabi n’abantu bameze nk’abasazi. Inyota yabo yo kwihora yari isunitswe vyonyene n'uko umwami bomuca umutwe kandi abantu bari bamuciriye urwo gupfa ntibatevye nabo kumukurikira mu kwicwara ku ntebe imashini ikabakanyonga. Muri rusangi, abo bose bakekwa ko badashigikiye Revolisiyo barishwe. Amabohero ntiyari akironka ikibanza aho bashira abantu, igihe kimwe yarimwo imbohe zirenga ibihumbi amajana abiri. Ibintu vyakorerwa mu bisagara vyari biteye akoba. Abari bashigikiye Revolisiyo biciyemwo ibice bibiri bikumirana maze Ubufaransa buhinduka ikibanza cagutse abantu banyinyuraniramwo kubwo ukwakaka kubwo ibigumbagumba vyabo. “Mu gisagara gikuru Paris, akamo k’induru kakuranwa n’akandi, kandi abanyagihugu bari biciyemwo imigwi ata kindi yashira imbere atari ukurondera kwankirizanya ubuzima.” Kandi, nko kwongera ikibi mu kindi, Ubufaransa muri ico gihe nyene, bwagize uruhara mu rugamba rwamaze igihe kirekire kandi rwankirije ibintu vyinshi, bwagiranye n’ibindi bihugu vy’ i Buraya vyari bikomeye. “Igihugu cari kiremerewe n’amadeni, abasoda baco bama mu migumuko basaba amahera baheraniwe, abanyagisagara i Paris bari bishwe n’inzara, ubusuma bwari bugisibije mu ntara, kandi iterambere ryariko rirazimangana risubirirwa n’akajagari hamwe no kutagira itegeko umuntu yubaha ”IB 207.1

    Abantu bari barigishijwe baramenya. Ubugizi bwa nabi hamwe no gukubagura abantu Ishengero ry’i Roma ryari ryarerekanye vyari vyasize akarorero kabi. Umusi wo gusubiriza abantu mu ndumane wari washitse. Ubu noneho abigishwa ba Yesu sibo baboherwa mu busho bwo mu kuzimu canke ngo babazirikire ku biti ngo baturirwe. Hari haheze igihe kirekire abo bigishwa barazimanganye canke bafashe inzira y’ubuhungiro. Ubu rero Ishengero Gatolika ry’i Roma ryariko riraraswa imyampi iriko uburozi bufise ubushobozi bwo kwica, y’abo ryari ryarigishije kunezezwa no gusesa amaraso ya benewabo ata kinya. “Akarorero ko guhana abantu uburongozi bw’ishengero mu Bufaransa bwari bwarerekanye igihe kirekire, kari noneho kagarutse kuri bo gafise inguvu nyinshi. Ku biti vyo kunyongerako abantu hajejeta amaraso y’abapatiri. Ibibanza aho abantu barungikwa gukora ibikorwa biruhisha hamwe n’amabohero, vyigeze kuba vyuzuyemwo abaprotestanti, ubu vyari vyuzuyemwo ababatoteje. Baboheye ku ntebe yo kubanyongerako kandi bafise mu minwe umugozi bari bukwege kugira ngo imashini yo kubanyonga ice ikora igikorwa cose, abapatiri b’ishengero Gatolika ry’i Roma, bashikiwe n’agahabwa Ishengero ryabo ryagiriye abagorozi ataco bari babatwaye.”IB 207.2

    “Haciye rero hakurikira imisi aho amategeko arusha ayandi kuba mabi yashizwe mu ngiro n’ingoro y'ubutungane irusha izindi zose kuba mbi; aho ata muntu n’umwe yari akiramutsa umubanyi wiwe canke ngo agire isengesho avuga... adatinya ko yohava akora icaha c’agaca mutwe; aho wasanga inderetsi ata gace na kamwe zitarimwo; aho imashini yo kunyonga abantu yama iriko irakora ikobeje igitondo cose; aho amabohero yari yuzuye abantu nk’abapakiwe ubwato bajanywe mu buja; aho imiringoti itwara imyanda yo mu gisagara yari yuzuye amaraso y’abantu yajana mu ruzi Seine... Mu gihe ku musi ku musi abajejwe igikorwa co gushomba abantu bo kwica banyuragirana mu mabohero y’i Paris; aho intumwa zari zarungitswe mu ntara zitandukanye n’urwego ngarukiragihugu zakoze amarorerwa, mbere no mu gisagara, mu kurangwa n’ubugizi bwa nabi butagira uko bwovugwa Inkota y’imashini y’ubwicanyi yarabangurwa maze igakorokera ku muntu buhoro buhoro mu kurangura igikorwa co kumusogota. Abantu benshi babafata batondekeshejwe ku mirongo, bakabamijagiramwo amasasu maze bakagwa hasi. Abantu barabapakira mu mato, maze bakabashikana hagati mu kiyaga bakabucamwo ikinogo, maze bagakorokera mu mazi bagasoma nturi. lgisagara ca Lyon cari cahindutse ubugaragwa; nta bantu bari bakikirangwamwo. Mu gisagara ca Arras, abafungwa barabankiye kubagirira impuhwe y’ubugizi bwa nabi yo kubica babanyarukije. Ahantu hose uruzi Loire rwaca, kuva i Saumur gushika kw’ibahari, imigwi myinshi y’ibikona n’inkona yariko igirira imisi mikuru ku biziga vy’abantu bishwe ataco bambaye kandi baboshwe babiri babiri bahoberanye ku buryo vyari biteye isoni zo kubiraba. Nta kagongwe bagirira umuntu kubwo imyaka yiwe canke igitsina ciwe. Igitigiri c’abahungu bakiri bato n’abana b’abakobwa b’imyaka cumi n’indwi bishwe n’iyo ntwaro y’ubugesera coharurwa mu majana. Abari mu murwi w’inkorabara witirirwa ” Jacobin” baronkora abana bakabaka ba nyina babo maze bakagenda barabateratera nk’umupira!” Mu mwanya muto w’imyaka cumi, abantu isinzi barayogeye.IB 207.3

    Ibi vyose wari umugambi wa Satani. Yari amaze igihe kirekire akora kugira ngo awushikeko. Politike yiwe ni iy’ikinyoma kuva mu ntango gushika mw’iherezo; kandi intumbero yiwe ni iyo gukwegera abantu mu kaga no mu vyago; guhindura no gutitura ishusho y’Imana muri bo; kwankiriza imigambi y’Imana y’ubugwaneza n’urukundo, kugira ngo ababuze ijuru. Rero akoresheje ubuhinga bwiwe bwo kubesha, arifatira ubwenge bw’abantu, akabahindura impumyi maze agatuma bagirira Imana ishavu kubwo ingaruka z’igikorwa ciwe bitiranya n’amagorwa yoba afise inkomoko ku migambi y’Umuremyi. No muri ubwo buryo nyene, aho abantu bari barakandamijwe kandi bagacinyizwa, kubera ukugira nabi kwiwe, bari bamaze gushika ku rugero rwo kwidegemvya, yarabasunitse abashikana ku rugero rwo kuba inshirwarimenetse mu gukora ikibi. Iyi shusho y’aho abantu bashika aho ata tegeko na rimwe bagera umutwe, abantu batwaza igikenye kandi batoteza abandi, ni yo berekanye nk’ingaruka y’umwidegemvyo.IB 208.1

    Ikindi naco iyo uburyo Satani akoresha bushizwe ahabona, aca arondera ukundi yiyorobeka kandi abantu batari bake barahendwa, ariko ntibigera babica n’ikanda. Aho abantu basanze inyigisho z’ishengero Gatolika ry’i Roma ryuzuyemwo ikinyoma kandi Satani akabona adashobora kuricako ngo abatere kugarariza ibwirizwa ry’Imana, yaciye abumvisha ko bakwiye kuraba idini nk’uko ataco rimaze; Bibiliya nayo bayifate nk’igitabo c’utujajuro; maze mu kwigiza i ruhande Ivyagezwe vy’Imana, baciye bugururira irembo badasusumira ingendo yo gukora nabi.IB 208.2

    Ikosa ry’agacamutwe ryakururiye akarambaraye abanyagihugu b’abafaransa kwabaye ukwirengagiza uku kuri guhambaye kw’umwidegemvyo nyakuri no kugendera mu mabwirizwa y’Imana. “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga.” “Nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize.” (Yesaya 48:18, 22) “Ariko untega ugutwi wese azoba amahoro, azokwama atekereje ata kibi atinya.” (Imigani 1:33)IB 208.3

    Abavuga ko Imana itabaho, abemera ko iriho ariko ntibayubahe, abari barayemeye hanyuma bakayihakana, barwanya amabwirizwa yayo kandi bakayanebagura; ariko ingaruka y’ubwaku bwabo yerekana y’uko umuntu atunganirwa vyonyene iyo yubaha ivyo Imana yagenye. Abatazogira ishaka ryo gukura inyigisho mu gitabo c’Imana basoma, bazosanga bagobererwa kuzironka ari uko bazisomye mu mateka y’ibihugu.IB 209.1

    Aho Satani yateza abantu, abicishije mw’Ishengero ry’i Roma, kugendera kure yo kwubaha Imana, uwabimukoreye yaramunyegeje kandi n’igikorwa ciwe yaragipfukapfutse ku buryo ubumaramare n’amagorwa cazanye babifata nk’aho atari ingaruka yo kwica amabwirizwa yimana. Kandi ubushobozi bwiwe bwahagaritswe n’igikorwa ca Mpwemu Yera, maze bituma intumbero ziwe atazishikako. Ikibabaje ni uko abantu batashoboye gutahura inkomoko y’ikintu n’ikindi maze ngo babone ingorane barimwo iyo zituruka. Ariko mu gihe ca Revolisiyo, itegeko ryimana ryashizwe ku ruhande n’inama nkuru y’igihugu. Kandi mu gihe c’intwaro y’iterabwoba yakurikiye, kubona inkomoko y’ikintu n’ico gishikanako vyaragaragariye abantu bose.IB 209.2

    Aho Ubufaransa bwihakaniye Imana icese maze bugashira Bibiliya ku ruhande, abantu babi hamwe n’impwemu z’umwiza baranzwe no kunezerezwa n’uko icahora kibaraje ishinga noneho bagishitseko - Ubwami bufise umwidegemvyo ku bisabwa n’ibwirizwa ryimana. Kubera yuko abakora ibibi bataca babahana bidatevye, vyatumye rero imitima y’abana b’abantu “imogorera kwama ikora ikibi.”(Umusiguzi 8:11) “Ariko rero ukwica ibwirizwa ryiza kandi ritunganye bizana amagorwa no guhona.” Naho icaha gikozwe kitaca gikurikirwa vuba na vuba n’ingaruka zaco , ivyo ntibisigura yuko ibibi abantu bakora batazobihanirwa. Ibinjana vyo guhakana Imana no gukora ikibi vyatumye ishavu ryimana rikoranirizwa ku musi w’amateka; kandi igihe igikombe cabo c’ukugira nabi kizoba cuzuye; abakengera Imana hamwe n’amabwirizwa yayo hamwe n’abo bagizi ba nabi bose bazosanga baracerewe gutahura yuko ari ikintu giteye ubwoba kurambira ukwihangana kwimana. Uburinzi bwa Mpwemu w’Imana bwashoboye guhagarika ubushobozi bwa Satani bumaze gukurwaho rwose, umwe anezerezwa n’uko abantu bagendera mu kibi yari arekuriwe gukora nkuko avyipfuza. Abari bahisemwo igikorwa c’ubugumutsi ntaco bari bagisigaranye kiretse kwimbura ivyamwa vy’ivyo babakoze, gushika aho igihugu cuzuye ubugizi bwa nabi buteye ubwoba, ku buiyo ata kuntu umuntu yobudondora mu nyandiko. Mu ntara zamaze gucika umusaka no mu bisagara vyamaze gusambuka havuyeyo akamo kumvikanye hose - amarira y’umubabaro n’agahinda. Ubufaransa bwari bumaze kunyiganyizwa nk’uko hoba hari habaye nyamugigima. Idini, amategeko, imibano y’abantu, umuryango, igihugu, ishengero - vyose vyari vyakubiswe n’ukuboko kw’umunyakibi kwabanguwe kurwanya ibwirizwa ryimana. Ivyo umunyabwenge yavuze ni ukuri: “Umunyakibi azotsitara ku bubi bwiwe bwite.”(Imigani 11:5) “Nah’umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi ko abubaha Imana aribo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo, ariko nta mahoro azoba ku munyakibi.” (Umusiguzi 8:12, 13) “Nuko kuko bagiriye urwanko ubwenge, ntibahitemwo kwubaha Uhoraho”, “nico gituma bazorya kuvyo inzira zabo zamuje, bazohaga akazikira kabo ubwabo.” (Umusiguzi 1:29,31)IB 209.3

    Ivyabona vyizigirwa vy’Imana vyishwe n’ubutegetsi burogota ku Mana “bwiburutse buva i kuzimu” ntivyari kuguma mu gacerere. “Iyo misi itatu n’igihimba ishize, impwemu z’ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka barahagarara: ubwoba bwinshi butera ababaraba.” (Ivyahishuriwe Yohana 11:11) Mu mwaka w’1793 ni ho ingingo zahagarika idini rukristo kandi zigashira i ruhande Ivyanditswe zemezwa n’inama nshingamateka y’Ubufaransa. Haheze imyaka itatu n’igice inyuma yaho, iyo nama nyene yarisubiyeko ihagarika ingingo yari yafashe ariko ica ifata iyindi noneho yemerera Ivyanditswe kwongera gutembera mu gihugu. Isi yose yari yamaze guterwa ubwoba n’ingaruka mbi yiboneye kubwo gushira ku ruhande amajambo meranda, yaciye ibona ko ari ivy’agaciro kugira ukwizera mu Mana no mw’ijambo ryayo, kandi ko ari vyo mushinge w’ineza yose hamwe n’ubuntu. Uku niko Umwami avuga: ” Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurabana agakengerwe? Erega ni jewe uwera w’Abisirayeri.” (Yesaya 37:23) ” Kubw’ivyo nzobatahuza, iri rimwe gusa nzobatahuza inganji yanje n’ubushobozi bwanje; kandi bazomenya izina ryanje ko nd’ Uhoraho.”(Yeremiya 16:21)IB 210.1

    Ariko aravuga ivy’ivyo vyabona bibiri, uwavugishwa n’Imana hari ahandi yavuze ati: “Bumva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru ribabarira, riti ni muduge muze ino. Baduga mu gicu baja mw’ijuru, abansi babo barorera.’’(Ivyahishuriwe Yohana 11:12.) Kuva aho Ubufaransa bugwanirije ivyo vyabona vy’Imana bibiri, vyaciye vyubahwa gusumba uko bitari bwigere biboneka. Mu mwaka w’ 1854, Ishirahamwe rya Bibiliya ryo mu Bwongereza n’ibindi bihugu vy’ahandi, ryaciye ritunganywa ritangura gukora. Ayandi mashirahamwe asangiye intumbero na ryo yaratangujwe; hamwe n’ivyo mbere na yo yaratanguje amashami yayo i Buraya hose. Mu mwaka wa 1816, Ishirahamwe rya Bibiliya ryo muri Amerika ryarashinzwe. Aho Ishirahamwe rya Bibiliya ryo mu Bwongereza ryashingwa, Bibiliya yari imaze gushirwa mu ndimi mirongo itanu bayikwiragirizamwo. Kuva ico gihe iramaze gukwiragizwa no gushirwa mu ndimi zivugwa n’abantu benshi canke bake zirenga ijana.IB 210.2

    Mu myaka mirongo itanu imbere y’uko umwaka wa 1792 ushika, abantu bitwararika buhoro igikorwa co kujana ubutumwa mu bihugu. Ubu rero amashirahamwe yaravutse kandi amashengero atagize inguvu kugira ngo akwiragize ukwizera rukristo mu bihugu vyari vyiziziwe n’ubupagani yari make. Ariko mw’iherezo z’ikinjana ca cumi n’umunani habaye ihinduka rikomeye. Abantu ntabwo bashimishijwe n’ivyo bashitseko muvya Mpwemu bisunze ubwenge bwonyene, baciye batangura kubona y’uko uguhishurirwa mvajuru gukenewe, maze idini rigira akamaro mu buzima bwabo. Kuva ico gihe, igikorwa co kujana ubutumwa mu bindi bihugu carateye intambwe yisununuye.IB 210.3

    Iterambere ry’amacapiro ryari ryafashije cane mu gikorwa co gutuma Bibiliya ikwirakwizwa ahantu henshi. Uburyo bw’itumatumanako hagati y’igihugu n’ikindi bwarateye imbere, ukuzimangana kw’ivyiyumviro bidafise ishingiro abantu bagira ku bandi canke ku bindi bihugu mbere n’ugukumirana, hamwe n’itakazwa ry’ubushobozi umwepisikopi mukuru w’i Roma yari afise ku batware b’ibihugu, vyari vyugururiye inzira ijambo ry’Imana ngo ryinjire. Harabaye imyaka Bibiliya yagurishijwe mu mabarabara y’i Roma ata nkomanzi, kandi ubu noneho yarashikanywe mu kibanza cose kibamwo abantu kw’isi yose.IB 210.4

    Umuhakanyi Voltaire, umusi umwe yaravuze yishima ati : “Narambiwe kwama numva havuzwe ko abantu cumi na babiri aribo bashinze Ishengero rukristo. Nzokwerekana ko hadakenewe umuntu arenze umwe kugira ngo arisambure.” Kuva Voltaire avuye mu mubiri, urunganwe rwagiye rusubirirwa n’urundi. Abahakanyi amamiliyoni barifatanije nawe mu kurwanya Bibiliya. Ariko biracari kure nk’ukwezi kugira bayisambure , ku buryo mbere ahaboneka Bibiliya ijana mu gihe ca Voltaire, ubu haboneka igihumbi, mbere n’ibihumbi amajana. Amajambo yavuzwe n’umwe mu bagorozi ba mbere yerekeranye nishengero rukristo yerekana yuko “Bibiliya ari nk’ibuye ryo gucurirako ryamaze gutuma inyundo nyinshi zigoba”. Umwami we avuga ati: “Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara ; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya, uzorutsinda.” (Yesaya 54:17)IB 211.1

    “Ijambo ryimana yacu rizokwamaho ibihe vyose.’’(Yesaya 40:8) “Amabwirizwa yiwe yose arahamye. Arashinzwe gushika ibihe bitazoshira, yakorewe mu kuri no mu kugororoka.” (Zaburi 111 :7, 8 ) Ikintu cose gishinze imizi ku bushobozi bw’umuntu kizobiranduka; ariko igishinze imizi ku rutare rw’lmana rutanyiganyiga kizorama ibihe vyose. IB 211.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents