Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigagane Ca 41 - Isi Iteterewe

    “Kukw’ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw’ijuru, kand’Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.... Mu gakarabo yavangiyemwo, mu muvangiremwo kabiri. Nk’uko yihimbaza, akigirira ibihinda abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga kuko yibwira mu mutima ngo mvyagiye nd’umwamikazi sind’umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo : ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa kand’azotongozwa umuriro : kuk’Umwami Imana amuciriyeko iteka ari uw’ubushobozi. Kand’abami bo kw’isi, abasambana na we bagasangira nawe ibihinda vyiwe bazomuririra bamuvugirize amaruru... bati N’ibara, n’ibara ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni wa gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye.” (Ivyahishuriwe Yohana 18: 5-10)IB 455.4

    “Abadandaza bo kw’isi batungishwa n’ubwinshi bw’ibihinda vyiwe. Abashora ivyo batungishijwe n’ico gisagara bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira baboroga, bati n’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza n’iz’inyambarabami n’iz’agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, kuk’ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw’isaha imwe” (Ivyahishuriwe Yohana 18 : 11,3, 15-17)IB 456.1

    Ivyo ni vyo bihano bizoshika kuri Babuloni mu gihe uburake bw’Imana buzoba bwayigendeye. Yarujuje iranengesereza urugero rw’ibibi yakoze; umwanya wayo washitse; harageze ko isamburwa.IB 456.2

    Mu gihe ijwi ry’Imana rizomenyesha yuko ubwoko bwayo bubohowe, hazobaho ukwikangura kudasanzwe kuri abo bose batakaje ivyabo mu ntambara ihambaye y’ubuzima. Mu gihe imbabazi zari zikiriho, bari bacitse impumyi kubera ibinyoma vya Satani kandi biremesha kubw’ivyaha bakora. Abatunzi baribona ko bafise ico barushije abagiriwe amahirwe make; ariko ubutunzi bafise baburonse babanje guhonyanga amabwirizwa y’Imana. Bafashe minenegwe igikorwa co kugaburira abashonje, guha impuzu abagenda amenya, gukora ibintu mu butamenya hamwe no gukunda kugira imbabazi. Barondeye gushirwa hejuru hamwe no gushimwa n’abagenzi babo. Ubu rero baranyazwe ivyo bari bubatseko icubahiro cabo, nta mikoro bagifise, nta n’umuntu wo kubakingira. Barabana ubwoba n’ishavu isamburwa ry’ibigirwamana bari bizigiye bakabirutisha uwabaremye. Umushaha wabo bawugurishije ubutunzi n’iminezero y’isi; kandi ntibararondera kuba abatunzi mu vy’Imana. Inkurikizi yavyo ni iyi: “Ubuzima bwabo bwabaye uruhombo; iminezero yabo noneho ihindutse umururazi, ubutunzi bwabo buhindutse ubusa. Ivyo begeranije mu gihe kingana n’ubuzima bwabo bibaciye mu myanya y’intoke mu kanya isase. Abatunzi bidodomba kubona amazu yabo ateye igomwe asambuka, izahabu n’ifeza bari batunze bigashwiragizwa. Ariko rero amaborogo yabo ahezwa n’ukugira ubwoba y’uko bagiye guhananwa n’ibigirwamana vyabo.IB 456.3

    Ababi baricuza bimwe bikomeye, atari uko bafashe minenegwe ivyo bategerezwa gukorera Imana hamwe n’abagenzi babo, ariko ikibatera kwicuza ni uko Imana yanesheje. Ikibatera kwidodomba ni ukubona aho ivyo bakoze bibashikanye, ariko rero ntibigeze bihana ubugizi bwa nabi bwabo. Iyaba hariho akaryo kobashikana ku ntsinzi, ntaco batokoze kugira ngo baneshe.IB 456.4

    Isi irabona neza umurwi w’abantu bakengereye kandi bakavuga nabi, abo bipftiriza guhonya, barengana badakozweko n’akaranda, ibihuhusi na nyamugigima. Umeze nk’umuriro utongora ku bakora ivyaha, ameze nk’ubwugamo budahugumba ku bantu biwe.IB 456.5

    Umupasitori yakavye ukuri n’ukurondera gushimwa n’abantu noneho arabona neza kamere n’ubwaku vy’inyigisho ziwe. Ni ikintu kigaragara yuko ijisho ataco rinyegezwa ryamukurikiranira hafi igihe yaba ahagurutse kuri arutari, ariko aragenda mu mayira, igihe yifatanya n’abantu mu bibazo bitandukanye vy’ubuzima ikigumbagumba ico ari co cose c’umutima, umurongo wose wanditswe, ijambo ryose ryavuzwe, igikorwa cose catumye abantu biyumva ko bari mu buruhukiro bw’ikinyoma, cabaye uguteragira imbuto; noneho, mu mwiheburo, ico yimbuye n’abantu bazimiye bamukikije.IB 457.1

    Umwami aravuga ati: “Kandi bavuye imirenzako igikomere ca wa mukobwa ari bo bantu banje bavuga bati: ni amahoro ni amahoro; kand’ata mahoro ariho.” (Yeremiya 8:11) “Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi, uwo jewe ntababaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntahindukire ngw’ave mu nzira yiwe mbi, ngw’akire.”( Ezekiyeli 13: 22)IB 457.2

    “Bazobona ibara abungere batikiza intama zo mu canya canje, bakazishwiragiza... Nuko rero nanje nzobazira, mbazanekw’ivyago bihwanye n’ukugira nabi kwanyu.”(Yeremiya 23: 1,2) “Muboroge mwa bungere, murire ; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku : kukw’igihe c’ukubagwa kwanyu gishitse rwose ... Abungere ntibazobona inzira yo guhunga canke ba kizigenza mu mukuku ngo babone ingene bacika.”(Yeremiya 25: 34,35)IB 457.3

    Abapasitori hamwe n’abizera barabona ko batashikiranye n’Imana ku buryo bubereye. Babonye ko bagumutse imbere y’Uwashizeho amabwirizwa atunganye kandi yera. Ugushira i ruhande amabwirizwa yimana vyatumye habaho ubugizi bwa nabi butagira uko bungana, ukutumvikana, urwanko, ibigabitanyo gushika aho isi yahindutse ikibanza co kwonona, n’akarere k’ubugizi bwa nabi. Abahisemwo kwanka ukuri bakabikaba no gushira imbere gukunda ikinyoma, uko ni ko ibintu bigaragarira imbere y’amaso yabo. Nta mvugo n’imwe wokoresha kugira ngo werekane ingene ababaye ibigaba bakanka kugamburuka bazobabazwa n’ivyo bazoba batakaje ibihe vyose - ubuzima buhoraho. Abantu isi yashize hejuru kubera impano zabo hamwe n’ukworoherwa mu kuvuga, ubu noneho ivyo bintu babibona neza atabikingiriye. Barazirikana ivyo batakaje kubwo ibigabitanyo kandi bazoca bakubita inkoro hasi y’abo bakengereye ubwizigirwa bwabo kandi bakabavuga nabi, maze bashinge n’intahe ko Imana yabakunze.IB 457.4

    Abantu bazobona ko bahenzwe. Bazokwagirizanya ko bakwegeraniye uguhona; ariko bose bazogira urunani mu kwegeka ku bapasitori babo uruhara runini rw’ivyago bibashikiye. Abapasitori atari abizigirwa babariye abantu ubuhanuzi buryohera amatwi; batumye ababumviriza bagwiza n’ubusa ibwirizwa ryimana no guhama abahirahira ngo baryubahirize kuko ari iryera. Noneho rero mu kwihebura kwabo, aba bigishwa baratura imbere y’isi igikorwa cabo c’ubuhendanyi. Abantu isinzi buzuye ishavu. Bakoma akaruru bavuga bati: « Turahonye kandi ni mwebwe mudukwegeye aka kaga. », maze bahindukirire abo bungere b’ibinyoma. Abahora babashima gusumvya abandi ni bo bazorushiriza abandi kubagiriza no kubavuma. Amaboko yigeze kubambika amashurwe bazoyababangurira barondera kubazimanganya. Inkota zari zateguriwe gusogota abana bimana noneho zizokoreshwa gutsiratsiza abansi babo. Ahantu hose hazobaho ubwicanyi n’ugusesa amaraso.IB 457.5

    « Ijwi ryayo rizoshika no ku mpera y’isi; kuk’Uhoraho afitaniye imiburano n’amahanga, azoburana n’abariho bose ; kand’abanyamahanga azobagaburira inkota. »(Yeremiya25: 31) Mu gihe kingana n’imyaka ibihumbi bitandatu, intambara ihambaye yarabiciye biracika, umwana wimana hamwe n’intumwa ziwe zo mw'ijuru babayeho banyinyurana n’ubushobozi bw’umurwanizi, bagerageza kugabisha, kumurikira no gukiza abana b’abantu. Ubu rero bose baramaze gufata ingingo ; ababi baramaze kugira urunani na Satani mu rugamba yatanguye rwo kurwanya Imana. Umwanya ku Mana wo kugarukira ubutegetsi bw’amabwirizwa yayo yakandagiwe washitse. Ubu rero intambara ntiraba Satani wenyene, iraba n’abantu. « Uhoraho arahanganye n’amahanga.... Abanyakibi azobamarira ku nkota ».IB 457.6

    Ikimenyetso co gucungurwa caramaze gushirwa kuri abo « batuntujwe kandi barizwa n’amarorerwa abera kw’isi ». Ubu umumarayika w’urupfu ariko aragendagenda, umwe Ezekiyeli yerekwa agereranijwe n’abantu bafise inkota z’ukugeseza babwiwe bati : « Mwice mutikize umutama n’umusore, n'umwigeme n’abana bato n’abagore : ariko ntihagire umuntu n’umwe mwegera mu bariko ico kimenyetso ; kandi muhere ku rusengero rwanje rwera. » Umuhanuzi avuga ko « Baciye bahera kuri ba bakum bar’imbere y’ingoro.»(Ezekiyeli 9 :l-6) Igikorwa co kurimbura kizotangurira hagati y’abo berekanye ko ari abarongozi mu bandi mu vya Mpwemu. Abarinzi b’ibinyoma ni bo bazotangurira abandi gukurwaho. Nta n’umwe azogirirwa akagongwe canke ngo bamusimbe. Abagabo, abagore, incoreke, hamwe n’abana bato, bose bazohona.IB 458.1

    « Kuk’Uhoraho ariko arava iwe azanywe no guhanira ababa mw’isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo. »(Yesaya 26: 21)” Iki ni co cago Uhoraho azoteza amahanga yose azoba ateye Yerusalemu : inyama z’imibiri yabo zizobatikimirako bagihagaze, n’amaso yabo aborere mu nkombe zayo n’indimi zabo ziborere mu kanwa kabo. Kur’uwo musi Uhoraho azobaca umuhongo w’akabura rugero maz’umuntu wese asumire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we. »(Zekariya 14: 12, 13) Ababi bo kuri iyi si - abaherezi, abarongozi, n’abanyagihugu, abakire n’abakene, aboroheje n’abakomeye - bazohoneshwa no kuba bashize umutima ku bibahimbara biteye isoni, hamwe no kunywera ku gikombe c’uburake bwimana cuzuye kandi kitavanze. « Abishwe n’Uhoraho bazohera ku mpera y’isi bashike ku yindi, ntibazoririrwa, canke ngo begeranywe, canke ngo bahambwe, bazoba nk’intabire yometse ku misozi.»(Yeremiya 25: 33)IB 458.2

    Igihe co kugaruka kwa Yesu, ababi bazotsiratsizwa kw’isi yose - bazoturirwa na Mpwemu yo mu kanwa kiwe kandi barimburwe n’ugukayangana kw’icubahiro ciwe. Kristo azotwara abantu biwe mu gisagara c'imana, maze isi isigare ata muntu ayibako. « Raba Uhoraho agira ngw’ahindure isi umusaka ayigire amatongo ,ayubike, asanzaze abayibamwo. » « Isi izohinduka umusaka inyagwe rwose ; kuk’Uhoraho ariwe avuze iryo jambo.» « Kand’isi ihumanijwe n’abayibamwo ; kuko barenze ivyagezwe , bagaca mw’ibwirizwa, bakica isezerano ry’intahava . Ni co catumye umuvumo utongora isi, kand’abayibamwo ni vyo bahowe : ni co catumye ababa kw’isi baturirwa hagasigara abantu b’imparurwa. »(Yesaya 24: 1, 3, 5,6)IB 458.3

    Isi yose izosigara imeze nk’ubugaragwa buri ukwa bwonyene. Imisakamburira y’ibisagara n’ibigwati vyasambuwe n’igihuhusi c’umuyaga, ibiti vyasidaguritse, ibitandara vy’amabuye vyaterewe n’amazi canke bigasidukira kw’isi, bizoba bikwiragiye hirya no hino, mu gihe amasenga azoba yerekana ibibanza aho imisozi yahoze.IB 458.4

    Ubu rero ibintu biriko birashika bigereranya ivyerekeranye n’ igikorwa ca nyuma gihambaye cashika ku musi w’impongano - igihe umuherezi mukuru yaba yamaze kurangura amabanga yari ajejwe y’ahera cane, kandi ivyaha vya Isirayeli bikaba vyakuwe mw’ihema ryera kubwo amaraso y’ikimazi gitangirwa ivyaha, rero ya mpene yagereranya Satani yarashikanirwa Uhoraho ari nzima. Imbere y’ishengero ryose, umuherezi mukuru yaturira kuri yo: «ibigabitanyo vy’abisirayeli vyose n’ibicumuro vyabo, vyose n’ivyaha vyabo vyose ; akabiremeka mu ruhanga rw’iyo mpene. »(Abalewi 16 :21) Uko ni ko igikorwa c’impongano kiriko kirabera mw’ijuru kimaze kurangira, ni ho imbere y’Imana hamwe n’abamarayika hamwe n’ingabo z’abacunguwe ivyaha vy’abantu b’Imana bizoshirwa kuri Satani ; hazovugwa icese ko ibibi vyose abantu bakoze biri ku gahanga k’uwabibakwegeyemwo. Maze nk’uko impene yagereranya Satani yahindirwa mu bugaragwa mu gahinga ; uko ni ko na Satani azohindirwa kw’isi ata muntu n’umwe ayiriko, ahantu ata muntu aharangwa, hameze nk’ubugaragwa buteye ubwoba.IB 459.1

    Yohana ari mw’izinga Patimo, yeretswe ko Satani azohindirwa ahantu ha wenyene, n’ukuntu isi izoba imeze hamwe n'umwiheburo uzoba uyiriko, kandi yaramenyesheje y’uko ibintu bizoguma uko mu gihe kingana n’imyaka igihumbi. Amaze kwerekana ibintu bizoshika mu gihe c’ukugaruka kwa kabiri kw’Umwami hamwe n’uguhona kw’ababi, ubuhanuzi bubandanya buvuga buti : «Mbona umumarayika amanuka avuye mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. Afata ca gisato ni co ya nzoka ya mbere, ni yo mugwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi , agikororera i kuzimu arahadadira, ashirako ikimenyetso kikirumanya kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga gushika ah’iyo myaka igihumbi izoshirira : ni yashira gikwiye kuzobohorwa ngo kimare igihe gito. (Ivyahishuriwe Yohana 20: 1-3)IB 459.2

    Ijambo « i kuzimu » ryerekana isi yahindutse urudubi kandi yuzuyeko umwiza, ni ko Ivyanditswe bivyerekana. Ku vyerekeranye n’ukuntu isi yari imeze « mbere na mbere ”, Bibiliya ivuga ko : « Yar’ikiri i buziba, yarik’ubusa gusa, kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi.»(Itanguriro 1: 2)IB 459.3

    Ubuhanuzi bwigisha ko izokwongera igasubira kumera nk’uko yigeze kuba imeze, n’imiburiburi ku rugero rutanengesereye rwose. Ariko aravuga ivy’umusi uhambaye w’Imana, uwuvugishwa n’lmana Yeremiya yaravuze ati : « Nararavye mbona isi nsanga ar’imisaka irik’ubusa gusa n’ijuru n’uko ata n’umuco rigira.Nararavye mbona imisozi nsanga ihinda agashitsi n’uturambi twose n’uko turi mu gatengo. Nararavye nsanga ata muntu n’umwe ariho n’inyoni zose zo mu kirere zarahunze. Nararavye nsanga n’itongo ryamera rihindutse ubugaragwa n’ibisagara vyaho vyose bisangangukiye imbere y’Uhoraho n’imbere y’uburake bwiwe bw’inkazi. » (Yeremiya 4: 23-27)IB 459.4

    Aho ni ho Satani n’abamarayika biwe bacumuye bazoba imyaka igihumbi. Azoba ari kw’isi, adashobora kurengana imbibe zaho ngo abe yoshikira ayandi masi ngo agerageze kandi ateshe umutwe abatarigera bagwa mu caha. Ni muri ubu buryo havugwa y’uko azoba aboshwe, yugaranywe « nta muntu n’umwe azoba asigaranye azoba ashobora gukoreshako ubushobozi bwiwe. Azoba atagishobora na gato gukomeza igikorwa ciwe co kubesha no guhonya, ico yama ahimbarwa no gukora mu myaka amajana n’amajana.IB 459.5

    Uwuvugishwa n’Imana Yesaya atumbereje amaso yiwe ku gihe Satani ibintu bizoba vyamutekurukanye, yaritangaje ati: «Ewe kuntu ukorotse uvuye kw’ijuru wa nyenyeri yo mu rubungubungu we wa mwana w’umutwenzi ! Ewe ingene uciwe ugashika hasi wewe watsinda amahanga ! Wari waribariye mu mutima uti nzoduga nje mw’ijuru nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri zimana ... nzoba nkisumba vyose.Yamar’uzomanurwa ushike i kuzimu ushike mu bwigobeko bwa rwa rwobo. Abazokubona bazoguhunga, bakwitegereze bati Mbeg’uyu niwe yahindisha isi agashitsi, agashira ubwami bwinshi mu gatengo ?Ni we yahindura isi nk’ubugaragwa, agakomvomvora ibisagara vyo muri yo ntarekure abafashwe mpiri ngo basubire i wabo? »(Yesaya 14: 12-17)IB 460.1

    Mu gihe kingana nimyaka ibihumbi bitandatu, igikorwa c’ubugumutsi bwa Satani catumye isi ijugumizwa. Isi yayihinduye nk’ubugaragwa maze asambura ibisagara vyari biyiriko. Kandi ntiyigeze yugurura imiryango y’ahari impfungwa ziwe. Mu gihe kingana n’imyaka ibihubi bitandatu, inzu yiwe y’ibohero yinjiwemwo n’abantu bimana, kandi yari gushobora kubadadirirayo ibihe vyose ; ariko Kristo yaracagaguye ingoyi yari yababohejeje maze imbohe azironsa umwidegemvyo.IB 460.2

    Noneho n’ababi Satani ntakibafiseko ububasha muri kino gihe, ni we wenyene asigaye hamwe n’abamarayika bacumuye kubona ingaruka zimivumo yazanywe n’icaha. « Abami bose bo kw’isi uko bangana basinzirira itiro ry’urupfu mu cubahiro umwami wese mu ngoro yiwe bwite ; ariko weho bagushiburiye kure y’imva yawe nk’inda y’urusoro iteye ishishi .. .Ntuzohambanwa nabo kuko wasiribanze igihugu cawe ukica abantu bawe.” (Yesaya 14: 18-20)IB 460.3

    Mu gihe kingana n’imyaka igihumbi, Satani azokwiragira hirya no hino kuri iyi si izoba yahindutse ubugaragwa kugira ngo arabe ingaruka z’ubugumutsi bwiwe bwo kurwanya amabwirizwa yimana. Muri ico gihe azoba ababaye cane. Kuva igihe yakororerwa kw’isi, ubuzima bwiwe bwo kwama arahenda abantu abagerageza bwatumye adafata akanya ngo yiyumvire ; ariko rero ubu, yaratswe ubushobozi yari afise, maze ico asigaranye ni ukuraba vyonyene uruhara yagize kuva agitangura ubwa mbere na mbere kurwanya intwaro yo mw’ijuru ; no kubona imbere y’igihe, afise ubwoba kandi ajugumira, kazoza kamubikiye urupfu, aho ategerezwa kubabazwa kubera ibibi vyose yakoze kandi agahanwa kubera ivyaha yatumye abantu bakora.IB 460.4

    Ku bantu bimana, ukubohwa kwa Satani kuzozana umunezero n’akanyamuneza. Uku ni ko uwavugishwa nimana avuga : «Maze ku musi Uhoraho azokuruhura umubabaro n’amagorwa n’ibikorwa abaguhindagiza bagukoresha, ni ho uzokwitamba ku muvyimba umwami w’i Babuloni , uteh’ukuntu umunyagahahazo aherengeteye ... Uhoraho avunye inkoni y’abanyakibi ni yo nkoni y’abaganza ; bakubita amahanga baratse, bakayashishagura badahumeka, amoko bakayaganzisha amanyama n’akadenderezo ata gitabara. »(Yesaya 14: 3-6)IB 460.5

    Mu gihe cimyaka igihumbi izorengana hagati y’umuzuko wa mbere n’uwa kabiri, intahe izosasa kugira ngo ababi bacirirwe urubanza. Intumwa Paulo avuga ivy’urwo rubanza nk’ikintu kizoshirwa mu ngiro inyuma y’ukugaruka kwa Kristo. « Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika ni co kuza kw'Umwami wacu azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza kand’azogaragaza inama zo mu mutima. »(1 Ab’i Korinto 4: 5) Daniyeli avuga yuko igihe uwambere na mbere yashika « Yatsindishirije abera b’Isumba vyose »(Daniyeli 7 :22) Muri ico gihe, baganje nk’abami n’abaherezi b’lmana. Ibi ni vyo Yohana yahishuriwe kandi amenyesha: « Mbona intebe z’ubwami mbona abicara kuri zo bahabwa ubucamanza.” ” Bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya nawe kuganza, iyo myaka igihumbi. »( Ivyahishuriwe Yohana 20: 4,6) Nk’uko vyamenyeshejwe imbere y’igihe na Paulo, ni muri ico gihe rero, «Abera bazocira ab’isi urubanza » (Ab’i Korinto 6 :2). Bari kumwe na Kristo, bazocira imanza ababi, barabe ivyo bakoze babiringanisha n’igitabo c’amategeko, Bibiliya, kandi umuntu wese bazomufatira ingingo bisunze ivyo yakoze akiri mu mubiri. Hanyuma igihano c’ababi bose kimaze gufatwa, hakurikijwe ivy’umwe umwe wese yakoze; kizoca candikwa imbere y’izina ryiwe mu gitabo c’urupfu.IB 460.6

    Na Satani n’abamarayika biwe bazocirirwa urubanza na Kristo hamwe n’abantu biwe. Paulo aravuga ati : « Ntimuzi yuko tuzocira abamarayika urubanza » (1 Ab’i Korinto 6 :3) Kandi na Yuda aramenyesha yuko « N’ abamarayika batagumye mu bukuru bwabo, ariko bataye ahantu habo, ibarindira kuzocirwako iteka ryo ku musi uhambaye bari mu minyororo idashira no mu mwiza. »(Yuda 6)IB 461.1

    Mu mpera y’imyaka igihumbi, umuzuko wa kabiri uzoshika. Hanyuma ababi bazova mu mva maze barenguke imbere y’lmana kugira ngo hakurikizwe « urubanza mm aze kwandikwa, rugasomwa ». Uko ni ko Yohana, amaze kudonda ivy’ukuzuka kw’abera, agenda ku muriri avuga ati : « Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira.”( Ivyahishuriwe Yohana 20: 5) Kandi na Yesaya ariko avuga ivyo ababi, ashikiriza aya majambo : «Bazokoranirizwa hamwe nk’ukw’imbohe zikoranirizwa mu kazu k’i bwina bugaranirwe mw’ibohero; kand’imisi myinshi ni yashira bazohanwa. »(Yesaya 24:22)IB 461.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents