Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 37 - Ivyandits We Ni Yo Nkinzo

    “Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batavuga ibihwanye na vyo, bazoba mu bwira ntibuce.”(Yesaya 8:20) Abantu b’Imana bararikirwa gutumbera ivyanditswe kuko ari vyo vyonyene bibakingira kugira ngo abigisha b’ibinyoma hamwe n’ubushobozi buzimiza bw’impwemu z’umwiza ntibibagireko ubwaku. Satani akoresha ikintu cose ashobora gushikira kugira ngo abuze abantu kumenya ivyanditswe muri Bibiliya; kuko amajambo yayo anengesereye ashira ahagaragara ubuhendanyi bwiwe. Igihe cose habaye ivugurura mu gikorwa c’Imana, umuganwa w’ikibi aca ahaguruka agakorera ukwita; ubu ico ashira imbere ni ugushira hamwe inguvu ziwe zose yitegurira urugamba rwiwe rwa nyuma no kurwanya Kristo n’abo bose bamukurikye. Ikigeragezo ca nyuma gihambaye kandi ntabanduka tuzokibona imbere y’amaso yacu mu gihe kiri hafi cane. Antikristo agiye gukora ibikorwa bisiga ubwenge mu maso yacu. Azokwigana ukuri ku buryo atazoba ari ikintu coroshe gutandukanya ukuri n’ikinyoma kiretse gusa hakoreshejwe ivyanditswe vyera. Ijambo rishikirijwe ryose hamwe n’igitangaro cose bitegerezwa gusuzumwa hisunzwe ivyanditswe.IB 416.3

    Abitwararika kwubahiriza amabwirizwa yose y’Imana bazogwanywa kandi banebagurwe. Nta handi bakwiriye guhagarara atari mu Mana honyene. Kugira ngo bazoshobore kwihanganira ibigeragezo bibarindiriye, bategerezwa gutahura ubugombe bw’Imana nk’uko yabuhishuriye mw’ijambo ryayo; bashobora kuyubaha vyonyene mu gihe botahura neza kamere, intwaro, hamwe n’intumbero yayo kandi bagakora bavyisunze. Nta muntu n’umwe uretse abazoba baranonoje ubwenge bwabo ukuri kwa Bibiliya azohagarara ashikamye mu gihe c’intambara ihambaye iheruka. Umuntu wese azoshikirwa n’iki kibazo ngo: Mbega ukwiriye kugamburukira Imana kuruta Abantu? Isaha yo gufata ingingo ihambaye iratwegereje. Mbega ibirenge vyacu bishimikiye ku gitandara c’ljambo ry’Imana ridahinduka? Twese twiteguye guhagarara dushikamye mu kwitondera amabwirizwa y’Imana hamwe no kwizera kwa Yesu?IB 417.1

    Imbere y’uko bamubamba, Umukiza yasiguriye abigishwa bose y’uko yari kuhava yicwa maze akahava akazuka akava mu mva, kandi abamarayika bari aho kugira ngo batume ayo majambo agire agaciro mu bwenge no mu mitima yabo. Ariko rero abigishwa ico barondera kwari uko botezurirwa intwaro y’igikenye y’Abaroma, kandi ntibashobora kwihanganira iciyumviro c’uko uwo bari bubatseko ivyizigiro vyabo vyose yokwicwa urupfu nk’urwo rw’agashinyaguro. Amajambo bipfuza kwumviriza yari yarahanaguwe mu vyiyumviro vyabo; kandi ibihe vy’amakuba vyabashikiye, vyasanze batiteguye guhangana na vyo. Urupfu rwa Kristo rwarasambuye burundu ivyizigiro bari bafise ku buryo wogira ngo ntibari bigeze bagabishwa kuri rwo. Uko ni ko mu buhanuzi kazoza ishirwa imbere y’amaso yacu ku buryo bunengesereye nk’uko vyari vyashikiye abigishwa hakoreshejwe amajambo ya Yesu. Ibiringo bifitaniye isano n’irangira ry’ibihe vy’imbabazi hamwe n’igikorwa co kwitegurira ibihe vy’amakuba, vyarashizwe ahabona ku mugaragaro. Ariko Abantu benshi ntibatahura uku kuri guhambaye: ahubwo wohava ugira ngo ntibigeze baguhishurirwa. Satani yama ari maso kugira ngo azimanganye akantu kose kotuma abantu baba abanyabwenge bagakizwa, kandi ibihe vy’amakuba bizosanga batiteguye.IB 417.2

    Iyo Imana irungikiye abantu imburi zihambaye ku buryo zigereranywa nk’aho zashikirijwe n’abamarayika bagurutse batiriye ijuru, Isaba y’uko umuntu wese yahawe ubushobozi bwo kwiyumvira yotega amatwi ubwo butumwa. Imanza ziteye ubwoba zizoshika ku bantu basenga igikoko n’igishushanyo caco zari zikwiriye gutuma abantu bose bitwararika kwiga ubuhanuzi kugira bagendereze ikimenyetso c’igikoko ico ari co, n’ingene bokwifata kugira ngo ntibagishirweko. Ariko rero igitigiri c’abantu benshi bazibira amatwi yabo ngo ntiyumvirize ukuri akanezezwa no gukurikirana imigani y’abakecuru. Paulo ariko yiyumvira ku vyo imisi y’iherezo yaravuze ati: “Kukw’igihe kizoza batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima” (2 Timoteyo 4:3) Ico gihe caramaze gushika. Abantu isinzi ntibanezerezwa n’ukuri kwa Bibiliya, kubera y’uko kwinjirira umuntu mu vyiyumviro vyiwe bimuranga vyo kugendera mu caha no gukunda ivy’isi, kandi Satani abashikiriza ivyo bakunda bibatwara umutima.IB 417.3

    Ariko rero Imana izoronka kuri iy’isi abantu bashira hejuru Bibiliya, kandi Bibiliya yonyene, nk’urugero ruringaniye rw’ivyo kwizerwa vyose hamwe n’umushinge udahugumba w’ivugurura ryose. Ivyiyumviro vy’abantu b’incabwenge, ivyo ubuhinga mu vyo kumenya bwashitseko, ingingo zo kwizera canke ivyapfunditswe mu manama kaminuza ya Ekleziya, uko vyoba bingana kwose mu bwinshi canke bitandukanye ugereranije n’uko amashengero vyitirirwa atandukanye, ijwi ry’abantu benshi - nta na rimwe muri yo, nta n’ubwo yose ashobora gufatwa nk’ikimenyamenya co kwisunga kugira ngo hashigikirwe canke hahakanwe ingingo yose y’ukwizera mu bijanye n’amadini. Imbere y’uko hemerwa inyigisho n’imwe canke ikintu co gukurikiza, dukwiriye kuraba nimba bashigikiwe n’iri jambo ngo : “Uku ni ko Uhoraho avuze”.IB 418.1

    Satani arondera igihe cose ukuntu yotuma dutumbereza amaso yacu ku muntu aho kuyatumbereza ku Mana. Arondera ko abantu batumbereza amaso y’abo ku bepisikopi, ku ba Pasitori, ku bigisha b’ivyiyobokamana, nk’abarongozi babo, aho kurondera mu vyanditswe ngo bahishurirwe bo ubwabo, ivyo amabanga bajejwe. Rero, kubwo kwigarurira ivyiyumviro vy’aba barongozi, arashobora kugira ubwaku ku bantu isinzi akurikije uko avyipfuza.IB 418.2

    Igihe Kristo yaza gushikiriza amajambo y’ubugingo, abantu basanzwe bamwumvirije banezerewe; kandi benshi, mbere bamwe bo mubaherezi n’abarongozi, baramwizeye. Ariko umuherezi mukuru hamwe n’abarongozi bo mu gihugu bari bagambiriye gucirako iteka inyigisho ziwe hamwe no kuzikumira. N’ubwo ata kindi cari kibaraje ishinga uretse kurondera ico bomwagiriza, n’ubwo ata kandi kantu bashobora kubona uretse ubwaku bw’ububasha mvajuru n’ubwenge vyaboneka mu majambo yashikiriza; ivyo ntivyababujije bo ubwabo kwikwegera; baranse kwemera ibimenyamenya bigaragara vy’uko ari Mesiya, batinya ko bohava bahinduka abigishwa biwe. Aba bakeba ba Yesu bari abantu bubahwa kuko abisirayeli kuva bakiri bato bigishwa kububahiriza; bari baramenyerejwe gukubita inkoro hasi imbere y’ubutegetsi bwabo. Rero bama bibajije bati: “Bishoboka gute ko abarongozi bacu hamwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe batemera Yesu? Aba bantu ko bitwararika ivyimana, iyo aba ari Kristo ntibari kuba bamwemeye? Ubwaku bw’abigisha nk’abo ni bwo bwateye ubwoko bw’abayuda kwanka kwakira Umucunguzi wabo.IB 418.3

    Agatima kakoresha abo baherezi hamwe n’abo barongozi n’ubu ni ko karanga abantu benshi berekana ko bakunda ivyimana ku rugero rwo hejuru. Barakengera kuzirikana ico ivyanditswe bishingira intahe ku bijanye n’ukuri kudasanzwe kwa kino gihe. Bashimishwa n’ukubona ari benshi, batunze kandi ari ba rurangiranwa maze bagakengera abahisemwo gushira ukuri imbere kuko bari ku rushi, bakenye, kandi atari ba rurangiranwa, bafise ukuntu bizera kubatandukanya n'abandi bantu kw’isi.IB 418.4

    Kristo yari yabibonye hakiri kare yuko ubugetsi abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abafarisayo bihagiye butazorangirana n’uko abayuda babangaje mu bihugu bitandukanye. Akoresheje indabo y’umuhanuzi yarabona ko hazobaho igikorwa co gushira hejuru ubutegetsi bw’umuntu ngo burongore umutimanama, ibi navyo akaba ari vyo vyakwegeye ishengero umuvumo uteye ubwoba mu runganwe rwose. Rero icagirizo giteye ubwoba yashikirije ku banyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abafarisayo, hamwe n’imburi yashikirije abantu abasaba kudakurikira abo barongozi b’impumyi, vyarashinguwe neza kugira ngo bibere inkebuzo urunganwe ruri imbere.IB 418.5

    Ishengero Gatolika ry’i Roma ryarekuriye urwego rw’abasaseredoti rwonyene ububasha bwo gusigura ivyanditswe. Buririye kuri ico y’uko abapatiri bonyene aribo bashobora kubisigura, ivyanditswe vyera barabikuye mu bantu basanzwe, bababuza kubitunga. N’ubwo ubugorozi bwahaye ivyanditswe abantu bose, ico nyene Ishengero Gatolika ry’i Roma ryari ryitwaje kugira ngo ribuze abantu kubisoma, n’ubu ni co kibuza abantu benshi mu mashengero y’abaprotestanti gusoma Bibiliya no kuyiga kugiti cabo. Babigisha kwemera inyigisho zayo nk’uko ziba zishikirijwe n’ishengero; kandi hariho abantu ibihumbi n’ibihumbi bahitamwo kutagira ikintu na kimwe baronka, n’aho yoba ari ingingo yo kwizera yahishuwe ku buryo bugaragara muri Bibiliya, iyo ihushanye n’ivyo bahawe kwizera canke ivyo ishengero ryigisha ku mugaragaro.IB 419.1

    Naho bibiliya yuzuyemwo imburi nyinshi zerekeranye n’abigisha b’ibinyoma, benshi usanga biteguye muri ubwo buryo kuzeza imitima yabo abapatiri. Muri kino gihe hariho abagisha b’idini ibihumbi ata yindi mpamvu bashobora gutanga ijanye n’ukwizera kwabo uretse kuvuga ko ari ivyo bigishijwe n’abarongozi babo mu vy’idini. Baca i ruhande inyigisho z’Umukiza bakareka kuzizirikana, maze bagashira ivyizigiro vyose mu majambo y’abapasitori babo. None Abapasitori babo boba ari abantu batihenda? Bishoboka gute ko twobazeza imitima yacu kandi ata kimenyamenya duhawe n’ijambo ry’Imana ko ari abatwaramuco? Ukubura inguvu z’umutima zo kuba wofata ingingo ukareka kugendera mu nzira z’isi vyatumye abantu benshi bakurikira ivyiyumviro vy’abanyabwenge; kandi kubera y’uko bananiwe no kwironderera umuco bo ubwabo, bibohesheje umugozi wo kubura ivyizigiro, biyugaranira burundu mu kinyoma. Barabona y’uko ukuri kw’iki gihe gushizwe ahagaragara muri Bibiliya; kandi barumva ko Mpwemu yera akora kugira ngo agushingire intahe; ariko bakabirengako bakemera yuko ivyo urwego rw’Abasaseredoti rutemera bibakura ku muco w’ijambo ry’Imana. Naho ubwenge n’umutimanama biba vyahawe ibimenyamenya ntabanduka, iyo mitima iba yahindutse impumyi ntiyiyumvira ku buryo buhushanye n’ubwo abapasitori bayo; kandi uko barimbura ibintu ku giti cabo, inyungu zabo z’ibihe vyose bashira imbere, babikaba n’ugukekeranya, ubwibone, hamwe n’ivyo abandi biyumvira.IB 419.2

    Satani afise inzira nyinshi akoresha yuririye ku bwaku abantu bafise ku bandi kugira ngo agumye abo yafashe mpiri. Yikwegerako abantu ibihumbi akabazirikisha imigozi y’ugushikirana kw’abantu b’abansi b’umusaraba wa Kristo. Ico cose abantu bashobora kuba bahuriyeko, ubuvyeyi, ukuvukira mu muryango, ukwubakana, ububanyi; bishikana ku kintu kimwe: abarwanya ukuri bakoresha ubushobozi bwabo ngo bigarurire imitimanama y’abantu; kandi iyo abantu bamaze kurwa muri uyo mutego, nta shaka rikwiye baba bagifise, nta n’ubwo baba bagifise umwidegemvyo wo kugamburukira ivyo bo ubwabo bemera ko bajejwe.IB 419.3

    Ukuri n’icubahiro c’Imana ntawobitandukanya; ntivyodushobokera mu gihe dufise Bibiliya guha Imana icubahiro dukoresheje ivyiyumviro vy’amakosa. Benshi usanga bavuga ko ivyo umuntu yemera ata wundi bikwiriye kuraza ishinga mu gihe ubuzima bwiwe buhagaze neza. Ariko rero, ubuzima bw’umuntu buhabwa imero n’ivyo yizera. Nimba ukuri n’umuco biri muri twebwe, hanyuma tugafata minenerwe ako karyo tuba turonse ko kwumva no kubona ukuri, tugaca tugakengera tukakirengagiza; tuba duhisemwo umwiza mu kibanza c’umuco.IB 419.4

    “Harih’inzira umuntu yibwira kw’ari nziza arikw’amaherezo n’inzira ishikana mu rupfu.’’(Imigani 16:25) Ukutamenya ntikuturekurira gukora ikosa canke gucumura, igihe hariho akaryo kose gashoboka ko kumenya ubugombe bw’Imana. Umuntu ari mu rugendo iyo ashitse mw’ihuriro ry’amabarabara menshi, akenera icapa kimwereka iyo ibarabara ryose ritumbera rijana. Iyo atitwararitse ivyo ico capa kivuga,maze agapfa gufata ibarabara abona ko ari ryo ribereye, n’aho yoba yabigize ata kindi ciyumviro cinyegeje inyuma, impera n’imperuka asanga ibarabara yakurikiranye ritamushikana iyo yashaka kuja.IB 420.1

    Imana yaraduhaye ijambo ryayo kugira ngo dushobore kwimenyereza inyigisho rishikiriza kandi tumenye ivyo ridusaba. Igihe wa munyamategeko yaza kuri Yesu akamubaza ati: “Nokora iki kugira ngo ndonke ubugingo buhoraho?” Umukiza yamusavye gutumbereza amaso yiwe ku vyanditswe. Yavuze ngo: “Mu mabwiriza handitswe iki? Uhasoma iki?” Umuntu akiri muto canke umutama ntazobabarirwa kubera ukutamenya kwiwe, nta n’ubwo azorekurirwa ibihano yari agenewe kubwo kuba yararenze amabwirizwa y’Imana; kuko bafise mu minwe yabo insiguro yo kwizigirwa y’ayo mabwirizwa hamwe n’ingingo ngenderwako yubatseko, hamwe n’ivyo asaba. Ntibihagije kuba ufise ivyipfuzo vyiza; ntibihagije gukora ivyo umuntu yiyumvira yuko ari vyo bibereye canke ivyo yabwiwe n’abapasitori ko ari vyo bibereye. Agakiza k'umutima wiwe ni ko kariko kararonderwa; kandi yategerezwa kurondera ingene yokwiyigisha ivyanditswe we ubwiwe. N’aho yoba afise ivyo yemera bihambaye, n’aho yoba yizigira ku rugero rwo hejuru ko Pasitori azi ibigize ukuri, ivyo si vyo akwiriye kwubakako ukwizera kwiwe. Afise icapa kimwereka intambuko yose y’urugendo rujana mw’ijuru, kandi ntakwiriye gukorera kugukekeranya.IB 420.2

    Ikintu ca mbere gihambaye kandi co kwitwararika ku muntu wese yiyumvira ni uko yorondera kumenya ukuri yisunze ivyanditswe, hanyuma akagendera mu muco kandi akaremesha abandi bakisunga ako karorero. Birakwiriye yuko ku musi ku musi twiga Bibiliya dushizeko umwete, tukaraba uburemere bw’iciyumviro cose kandi ivyanditswe tukabigereranya umurongo ku wundi. Kubwo gufashwa n’lmana, dukwiriye kugira ivyiyumviro dushikako bituraba, na cane cane kubera y’uko umuntu ariwe azokwiserukira imbere y’Imana.IB 420.3

    Ukuri kwashizwe ahagaragara gusumvya ibindi muri Bibiliya kwarakekeranijwe n’abanyabwenge bibwira yuko bafise ubukerebutsi buhambaye, bigisha yuko ivyanditswe bifise insiguro inyegejwe, yo muri mpwemu, idafise isano n’imvugo yakoreshejwe, itamenywa na bose; maze guhindirwa mu mwiza. Abo banyabwenge ni abigisha b’ibinyoma. Abo bantu ni bo bari bagize wa murwi Yesu yabwira ngo: “Igituma muzimira mbega si uko mutamenya ivyanditswe cank’ubushobozi bw’lmana?” (Mariko 12:24) Imvugo ya Bibiliya yari ikwiriye gusigurwa hisunzwe ibintu biboneka itumberezako, kiretse gusa nimba hariho ikimenyetso canke imvugo ngereranyo yakoreshejwe. Kristo yaratanze isezerano : “Ni haba hari ugomba gukora ivyo Uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana.”(Yohana 7:17) Hamwe abantu bofata Bibiliya nk’uko iri, iyaba hatariho abigisha b’ibinyoma bahenda abantu bagatuma ivyiyumviro vyabo bididanirwa, igikorwa cotuma Abamarayika banezererwa corangurwa kandi ivyo vyotuma mu ruhongore rwa Kristo hinjiramwo izindi ntama ibihumbi n’ibihumbi ubu ziyerera mu kinyoma.IB 420.4

    Dukwiriye gukoresha inguvu zose z’ubwenge bwacu mu kwiga ivyanditswe kandi dukwiriye kurazwa ishinga no gutahura ibintu vy’Imana ku buryo bwimbitse, ku rugero umuntu apfa ashobora gushikako; ariko kandi ntidukwiriye kwibagira yuko ubugamburutsi no kwitanga biranga umwana muto ari na vyo bikwiriye kuranga umuntu yiga ijambo ryimana. Ibisomwa bigoye gusigura mu vyanditswe ntivyokwigwa hakoreshejwe uburyo bumenyerewe gukoreshwa iyo bariko bararondera gutanga insiguro ku ngorane zijanye n’ibibazo vyerekeranye n’ukwiyumvira kw’abantu. Ntidukwiye gutangura kwiga Bibiliya twerekana ko dufise ubumenyi buhagije nk’uko abantu benshi babikora, iyo bariko barahangana n’ibintu vy’ubuhinga n’ubumenyi; dukwiye kubikora dusaba bimwe bivuye ku mutima ngo Imana iturongore kandi twerekane ata buryarya ko dushaka kumenya ubugombe bwayo. Dutegerezwa kwegera duciye bugufi kandi dufise umutima witeguye kwigishwa kugira ngo twironkere ubwenge dukuye kwa NDIHO ahambaye. Bitabaye uko, abamarayika babi bazoduhuma ubwenge kandi bakomantaze imitima yacu ku buryo ukuri kutazoba kukitugirako ubwaku.IB 421.1

    Ibice vyinshi vyo muri Bibiliya abantu b’incabwenge bavuga ko ari amabanga canke bakabirengana bitwaje ngo ntibihambaye, vyuzuye indemesho hamwe n’inyigisho kuri uwo wese yize mw’ishure rya Kristo. Imwe mu mpamvu ituma abantu benshi bize ivy’iyobokamana badafise ugutahura gutomoye kw’ijambo ryimana, ni uko biyugara amaso ngo ntibabone ukuri batipfuza kugendera. Kubera y’uko ugutahura ukuri kwa Bibiliya ntibihagaze cane ku bushobozi bw’ubwenge uba wakoresheje mu kurondera kumenya, ahubwo bihagaze ku ntumbero itomoye uba uriko urakurikirana, urajwe ishinga no kugororoka.IB 421.2

    Nta kuntu hobaho kwiga Bibiliya hanyuma ugusenga ngo gushigwe inyuma. Mpwemu Yera wenyene ashobora kutwumvisha akamaro k’ivyo bintu vyoroshe kuzirikana canke akaturinda kugoreka ukuri kugoye gutahura. Ni igikorwa c’abamarayika bo mw’ijuru gutegura imitima kugira ngo ishobore gutahura ijambo ryimana, ku buryo dutangazwa n’ukuntu ari ryiza, tukagabishwa n’imburi zaryo, canke tugaterwa intege n’amasezerano yaryo. Twari dukwiye gusangira n’umunyezaburi iri sengesho: “Hwezesha amaso yanje kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe” ( Zaburi 119:18) Kenshi biratunanira kwihanganira ibigeragezo kubera ugufata minenerwe ugusenga no kwiga ijambo ryimana; umuntu aba ariko arageragezwa ntashobora kwibuka bitagoranye amasezerano yimana maze ngo akoreshe ivyanditswe nk’inkota mu kunyinyurana na Satani. Ariko abamarayika isinzi bakikuje abo bose bipfuza kwiga ngo batahure ivyimana; kandi mu gihe hazoba hariho ukubakenera kudasanzwe, bazoca babibutsa ukuri nyezina kuzoba gukenewe uwo mwanya. “Igihe umwansi azoza nk’uruzi rusenyerana, azokuberwa n’impwemu z’Uhoraho.” (Yesaya 59: 19)IB 421.3

    Yesu yasezeraniye abigishwa biwe ati: “Arik’umwitsa ari we Mpwemu Yera uwo Data azorungika mw’izina ryanje, niwe azobigisha vyose, kand’azobibutsa ivyo nababariye vyose.” (Yohana 14: 26) Ariko rero inyigisho za Kristo zikwiriye ubwa mbere na mbere kuba zarashinguwe mu bwenge bwacu kugira ngo Mpwemu w’Imana ashobore kubona uko azitwibutsa mu bihe vy’amakuba. Dawidi yavuze ati: “Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako “(Zaburi 119: 11)IB 421.4

    Abo bose baha agaciro inyungu zabo zihoraho bakwiriye kwama bagavye bakirinda inzira zo gukekeranya. Inkingi nyezina z’ukuri zizoterwa n’umwansi. Ni ikintu kidashoboka yuko wokwikingira agatwengo, abakuvuga nabi, inyigisho z’ubugumutsi kandi zandukira nk’akaranda, vyo muri kino gihe c’iterambere. Satani arafise ingerie umurwi w’abantu wose awugenera ibigeragezo: abatazi gusoma akoresha kubakengera no kubavuga nabi, mu gihe abize abahendesha ibibazo ubuhinga budafitiye inyishu canke ivyiyumviro bidafise aho bishimikiye; ariko ivyo vyose bigakorwa mu ntumbero yo gusamaza abantu ngo bakengere ivyanditswe kandi ntibavyizere. Mbere n’imiyabaga ata bintu vyinshi iramenya mu buzima, usanga igomba kwerekana ko ifise amakenga ku nyigisho ngenderwako z’ishingiro mu vyo ubukristo.Ukutagamburuka kw’abakiri bato, n’aho kwoba kutimbitse cane, kurafise ubwaku ku bantu: uko ni ko abantu benshi usanga bakengera ukwizera kw’abavyeyi babo, bakakuvuga nabi, maze bakababaza Mpwemu w’ubuntu. Kenshi umuntu yari yarasezeranye ko azohesha Imana icubahiro kandi akabera isi umugisha yakabiranishijwe n'impwemu y’ukutagamburuka. Abantu bose bizera ingingo zifashwe mu bwishime bw’abantu kandi bakibwira yuko bashobora gutahura amabanga y’Imana kandi bagashika ku kuri badafashijwe n’ubukerebutsi bwo hejuru, baba bariko bikwegera mu mitego ya Satani.IB 422.1

    Tubayeho mu gihe kidasanzwe c’amateka y’iyi si. Iherezo ry’Abantu bose bambaye umubiri riri hafi yo kugenwa.Kazoza kacu keza hamwe n’agakiza ku bandi bantu bifitanye isano n’ivyo duha agaciro akaba ari vyo twitwararika gusumvya ibindi muri kino gihe. Birakenewe ko Mpwemu w’ukuri atuyobora. umuntu wese akurikira Yesu yari akwiye kurazwa ishinga n’iki kibazo: “Mwami, ugomba ko nkora iki?”Birakwiye ko duca bugufi imbere y’Imana,mu kwisonzesha no mu gusenga, kandi tukiyumvira bihagije kw’ijambo ryayo, na cane cane ku biringo vyerekeranye n’ivyo urubanza. Ubu twari dukwiye kubaho mu Mana mu buryo bwimbitse. Nta mwanya dufise wo gutakaza. Ibiringo bihambaye biriko birashika imbere yacu tubona; turi ku kibuga Satani yifatiye. Murinzi w’Imana, ntusinzire; umwansi aratwegereje, yiteguye buri kanya kose kugusimbirako akagufata mpiri, hamwe n’utaba maso, ugahunyiza.IB 422.2

    Abantu benshi barahendwa n’ingene biyumvira baba bahagaze imbere y’lmana. Barishimira bo ubwabo ku bintu bibi batakoze ariko bakibagirwa kuvuga ibintu vyiza kandi vy’iteka Imana ibasaba, ariko batagiriye ubwira ngo babikore. Kuba ari ibiti mu murima w’Imana ntibihagije. Bategerezwa gushsitsa ivyo isaba, bafashijwe n’ubuntu bwayo bubatera intege, bakama imbuto. Mu bitabo vyo mw’ijuru, baharurwa nk’ibiti vyatwariye ubusa ikibanza vyatewemwo. Ariko n’aho bimeze uko, ivyizigiro kuri uyo murwi w’abantu ntibiraherengetera. Abo bose banse kwemera imbabazi z’lmana kandi bakagwiza n’ubusa ubuntu bwayo, umutima wihangana w’urukundo n’ubu uriko urabinginga. “Nico gituma bivugwa ng’ikangure wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira. Nuko mwirinde cane uburyo mugenda... mugura uburyo mubugwiza kuko imisi ari mibi”(Abefeso 5: 14- 15)IB 422.3

    Igihe co kugosorwa kimaze gushika, abagize ijambo ry’Imana umurongozi w’ubuzima bwabo bazomenyekana. Mu ci nta tandukaniro rikomeye cane riboneka hagati y’ibiti vyamana amababi hamwe n’ibindi biti bisanzwe; ariko iyo ibihe vy’imbeho bishitse; ibiti bifise amababi akomeye birayagumya, mu gihe ibindi biti bikorora amababi bifise. Rero muri kino gihe, umwigisha arangwa n’umutima w’ikinyoma ashobora kutaboneka ko atandukaniro n’uwundi mukristo nyezina, ariko igihe kiri imbere yacu, kizogaragaza itandukaniro hagati yabo. Ni mureke abaturwanya bahaguruke, ugushigikira ibintu hatabanje kubaho ukurimbura hamwe no kutihanganirana vyongere kwibukirizwa, imiriro y’agahemo ni yongere icanwe, ntihazohera umwanya mutabonye abadakomeye hamwe n’indyarya bihakanye ukuri; ariko abakristo b’ukuri bazohagarara bashikamye nk’igitandara, ukwizera kwabo kwarushirijeho gukomera, ivyizigiro vyabo vyarushirijeho gushinga imizi nko mu bihe vyo gutunganirwa.IB 423.1

    Uku ni ko umunyezaburi avuga, “Ivyo wihanikirije ni vyo ndimbura” “Amateka washinze ni yo andonkesha ubwenge, ni co gituma nanka inzira z’ibinyoma zose.”( Zaburi 119:99,104)IB 423.2

    “Hahirwa umuntu yironkera ubwenge.”(Imigani 3: 13) « Kukw’azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishorera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto, ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba kandi ntikizoharuruka kwama.”(Yeremiya 17: 8)IB 423.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents