Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 7 - Luther Atan Du Kan A N’ishengero Ry’i Roma

    Mu bahawe kuyobora ishengero barivana mu mwiza w’inyigisho z’ishengero ry’i Roma ngo rije mu muco w’ukwizera k’ukuri, Luther yari uwa mbere.Yari umunyenkomezi, umuntu akora igikorwa agishizeko umutima, atagira ic’atinya kirets’Imana, atagira urufatiro urw’arirwo rwose yemera atari Bibiliya. Luther yar’umuntu nkenerwa rwose mur’ico gihe; Imana yamukoresheje igikorwa gihambaye, ari co co kugorora ishengero no kumurikira isi yose.IB 89.1

    Nk’uko vyari bimeze ku nteguza za mbere z’ubutumwa bwiza, Luther nawe yavukiye mu muryango ukenye. Imyaka yiwe akiri umwana yayimaze mu nzu isanzwe y’umunyagihugu w’umudagi. Umuvyeyi wiwe yari abeshejweho n’igikorwa co kwimba ubutare ku musi ku musi kugira ngo ashobore kuronka uburyo bwo kumushira mw’ishure. Yipfuza ko yokwiga ivy’amategeko ariko Imana yari yamutegekeranirije kuba umwubatsi mw’ishengero rihambaye ryariko riraseruka buhoro buhoro uko ibinjana vyagenda birakurikirana. Nyene ubwenge butagira aho bugarukira yateguye Luther kurongora igikorwa gihambaye mu buzima bwiwe, amucishije mw’ishure ritoroshe, aho ataronka ivyo yipfuza kandi ahabwa indero ikomeye.IB 89.2

    Se wa Luther yari afise ivyiyumviro bihambaye: ubwenge bwiwe yarabukoresha cane, afise kamere idahobahoba, w’inyankamugayo, yigira imigambi kandi arajwe ishinga n’ukwama yateye imbere. Ibikorwa vyiwe vyisunga ivyo yemera kandi yabirangura atarajwe ishinga n’ingaruka bishobora kugira. Ukurimbura ibintu n’ibindi kwiwe gukomeye kwari kwatumye agirira amakenga ubuzima bw’abamonaki biyugaranira mu bigo babamwo. Yumvise acitse intege birenze urugero aho Luther yafata ingingo yo kuja kuba mu kigo nk’ico, atabaje kumugisha inama. Vyafashe imyaka ibiri kugira ngo asubize hamwe n’umuhungu wiwe naho atigeze ahindura iciyumviro yari afise ku bigo vy’abamonaki.IB 89.3

    Abavyeyi ba Luther baritwararika cane gutoza indero nziza hamwe no gusomesha umwana wabo. Bakoze uko bashoboye kugira ngo aronswe inyigisho zimushoboza kumenya Imana no kurangwa n’imico rukristo. Luther yama yumvise se amusengera avuga ko yokwama yibuka izina ry’Umwami kandi ko igihe kimwe yozofasha mu gushigikira no guteza imbere ukuri. Akaryo kose ko kwikenura mu vyo ubwenge no mu vy’imico abo bavyeyi baronka ntibagapfisha ubusa. Bakorana umwete kandi bihanganye mu gutegurira abana babo ubuzima bufise agaciro kandi butunganye. Kubwo kuba bafise kamere idahugumba kandi ikomeye, rimwe na rimwe barakora birenze urugero. Ariko, naho Luther ubwiwe yemera ko mu buryo bumwe canke mu bundi vyashika bakarenga akarimbi, mu ndero bamuhaye harimwo vyinshi vyo gushima biruta kure ivyo kugaya.IB 89.4

    Kw’ishure bamusomeshejeko akiri muto, Luther ntiyorohewe n’ingene bamwakiriye, mbere vyarashitse baramukubagura. Abavyeyi biwe bari bakenye cane ku buryo amaze kuva i muhira akaja mw’ishure ku kindi gisagara, igihe kimwe, kugira ngo ashobore kuronka ivyo arya, vyarashitse akaririmbira abantu ava ku nzu aja ku yindi. Yarabuze ivyo gufungura kenshi. Ivyiyumviro bidatomoye canke vy’ibintazi kw’idini vy’ico gihe vyamutera ubwoba. Mw’ijoro yarashobora kuryama umutima wiwe wuzuye akabonge, akaraba imbere kazoza gatwikiriye ajugumira, kandi akama acitse intege kubwo kwiyumvira Imana nk’umuvyeyi akara, umucamanza ruburakigongwe, umutware w’igikenye aho kuba umuvyeyi afise impuhwe wo mw’ijuru.IB 89.5

    Nubwo ivyatuma acika intege vyari vyinshi kandi bihambaye, Luther yarazwa ishinga no kwama yateye intambuko aja imbere kugira ngo ashikire ubwenge n’indero runtu yumva bikwegakwega umutima wiwe, vyo ku rwego rwo hejuru. Yamana inyota y’ubumenyi; kandi kugira kamere irangwa n’ishaka hamwe n’ubwenge burimbura ikintu n’ikindi, vyamuhaye kwiptuza ibintu biboneka kandi vy’agaciro, aho kuguma ku bintu vyo hejuru ataco bimaze.IB 90.1

    Aho yinjira muri Kaminuza ya Erfurt, amaze imyaka cumi n’umunani, hari ikintu ciyongeye ku kuntu yari asanzwe abayeho, mbere yaranatomokewe rwose mu ntumbero ziwe gusumvya uko vyahora mu bihe vya mbere. Kubwo kumenya gukora neza hamwe no kwitanga, abavyeyi biwe bari bashitse ku rugero rubashoboza kumufasha muri ivyo vyose yari akeneye. Hamwe n’ivyo, ubwaku abagenzi biwe bamugizeko bwari bwatumye ivyiyumviro vy’ubuzima bw’umwiheburo bwari bw ubakiye ku nyigisho yaronse agitangura, bigabanuka. Yihaye umugambi wo kw iga inyandiko z’abanditsi rurangiranwa, azirikana ivyiyumviro vyabo bihambaye, kandi ubukerebutsi bwabo bumubera akarorero yokwisunga. No mu gihe yari afise abigisha bamutoza indero mu buryo bugoye, yari yerekanye hakiri kare ubudasa; noneho amaze kuronka abigisha beza vyaramufashije gusumvya. Kubwo kworoherwa gufata ibintu ku mutwe, kubwo kubaho yibaza utuntu n'utundi mu buzima, kubwo kwama yiyumviriye cane hamwe no kugira umwete wo gukora, vyamuhaye kwama afise ikibanza ca mbere mu bo bigana. Indero yaronse kw’ishure yamuhaye kugira ivyiyumviro birashe, imutera kwama yakoresheje ubwenge no kurimbura neza ibintu n’ibindi: ivyo vyariko bimutegurira ibihe bigoye vyari bimurindiriye mu buzima.IB 90.2

    Ugutinya Imana kwaba mu mutima wa Luther kwamushoboje kudahugumba ku ntumbero, kunamurongora mu kwama yaciye bugufi imbere yayo. Yariyumvamwo neza ko ubufasha bw’Imana ari bwo bumubeshejeho kandi igihe cose yama yibuka gutangura umusi asenze, maze umutima wiwe ukama na ntaryo usaba Imana kurongorwa no gushigikirwa. Yama yavuze ko “gusenga neza birengeye ica kabiri c’ivyirwa”( DAubigne, b. 2, ch. 2).IB 90.3

    Umusi umwe ariko araraba ibitabo mu nyubakwa ya Kaminuza yo gusomeramwo ibitabo, Luther yubutse kuri Bibiliya y’lkilatini. Igitabo nk’ico ntiyari bwigere agikubita ijisho. Ntiyibaza mbere ko kibaho. Gushika ico gihe yahora yumva hasomwa ubutumwa n’amakete y’intumwa gusa, maze akiyumvira yuko Ijambo ry’Imana ari ivyo bitabo vyonyene gusa. Ubwo nibwo bwari bubaye ubwa mbere abona Bibiliya. Yarayisanzuruye afise ubwoba, ariko aratangara cane ; asoma amajambo y’ubuzima vuba vuba, umutima uriko uradidagizwa,ahejeje guturura aravuga ati : « Ese Imana yompa igitabo nk’iki kikaba rwanje. » (Ibid., b. 2, ch.2) Abamarayika b’Imana bari kumwe nawe kand’umuco uva ku ntebe y’Imana wamuhishuriye ibintu vyinshi bitangaje muri Bibiliya. Kuva mbere hose yahora yiyubara gucumura ku Mana, yamara aho hoho umutima wiwe wikanguye kurutaho, asobanukirwa kw’ari umunyavyaha mu buryo atari azi.IB 90.4

    Yagize inyota yo kuva mu buja bw’ivyaha ngo yiyunge n’Imana, maze ico ciyumviro gituma aja mu kigo c’abamonaki (abilandukanije n’vy’isi bakihebera idini). Muri ico kigo bamuhaye gukora ibikorwa bititura agateka k’umuntu ku buryo vyanabaye nkenerwa ko abaho ubuzima bwo gusabiriza ava ku nzu aka ku yindi. Yari ageze mu bigero vy’aho umuntu aba akeneye kwumva ko yubashwe kandi ko ashimwa. Hari hasigaye gato gusa ngo acike intege kubera ivyo bikorwa vyatitura agateka kiwe maze bigatuma adatunganirwa mu vyiyumviro runtu yari asanganwe; ariko yarihanganiye ukwo gucishwa bugufi kudasanzwe, yizera ko ari nkenerwa ko acishwa muri ubwo buzima kubera ivyaha vyiwe.IB 91.1

    Imisi yose iyo yabona akanya ko kuruhuka, yakamara asoma, agaheba itiro ahandi naho agakoresha amasaha yiwe yo kurya. Ikiruta ibindi vyose, yakunda gusoma ijambo ry’i mana. Yabonye Bibiliya izirikishijwe umunyororo ku ruhome rw’inzu, maze yihatira guhora ayisoma. Uko yagenda yiyagiriza icaha ni nako yarondera gukora uko ashoboye ngo aronswe ikigongwe hamwe n’amahoro. Yahisemwo kubaho ubuzima bugoye, akiyiriza ubusa kandi kenshi agakesha, atumbereye kuba yozimanganya kamere y’ikibi yibonako; iyo ubuzima mu kigo c'abamonaki butari bwashoboye kuzimanganya. Nta kintu na kimwe atashobora kugirira akigoro kubwo kurondera kuba yogira umutima utyoroye womushoboza kuba yohagarara akemererwa imbere y’lmana. Mu nyuma yahavuye ashikiriza aya majambo: “Ego ni vyo nari umumonaki akunda ivy’lmana; nakurikiza amategeko y’umuryango w’abihebeye Imana narimwo ku buryo ntoronka uko ndabisigura. Iyaba hariho umumonaki yoshoboye kuronka ijuru kubwo ibikorwa vyiwe, nobaye uwa mbere yorihonyozamwo ikirenge...Iyo biza kubandanya igihe kirekire, nari kwikururira urupfu kubwo kwibabaza” (-Ibid., b. 2, ch. 3.). Ukwama yibabaje arondera ijuru vyamugiriye ingaruka mbi ku magara yiwe. Vyatumye habaho ibihe atakaza ubwenge kandi yarinze ava mu mubiri agifise ubwo bumuga. Nubwo yakoresheje inguvu ziwe zose uko ashoboye, umutwaro uremereye umutima wiwe ntiyigeze awuremururwa. Ivyo vyatumye ashika aho yihebura mu buzima.IB 91.2

    Luther amaze kubona ko ata kintu na kimwe agikiza, Imana yamuhagurukirije umuntu yamubereye umugenzi n’umufasha. Staupitz yari asanzwe ari umuntu akunda ivy'I mana; yafashije Luther gusoma no kuzirikana ijambo ryTmana, maze amwingingira gutumbereza amaso yiwe ahandi aho kuyitumberezako. Yamusavye ko yoreka gusamarira igihano kidahera kubwo kwica ibwirizwa ry’Imana maze akaraba kuri Yesu, umukiza wiwe yamaze kumubabarira ivyaha. “Aho kwibabaza wewe ubwawe urondera ikigongwe ku vyaha vyawe, ni witerere mu maboko y’umucunguzi. Mwizigire, wizigire ubweranda bw’ubuzima bwiwe, wizigire impongano yiwe ku caha.. .Umviriza umwana w’Imana. Yigize umuntu kugira ngo ushobore gushikirwa n’imbabazi ziwe”. “Mukunde kuko niwe yatanguye kugukunda” (-Ibid., b. 2, ch. 4). Uko ni ko iyo ntumwa y’imbabazi yavuze. Amajambo yiwe yaranyuze umutima wa Luther. Inyuma y’igihe kirekire yamaze ariko yinanata ngo arabe ko yovirira amakosa yari yarimenyereje, yashoboye kumenya ukuri, maze amahoro aronka ikibanza mu mutima wiwe.IB 91.3

    Luther yashinzwe amabanga yo kuba Patiri maze bamuvana mur’ico kigo c’abamonaki, bamuha igikorwa c’ukwigisha muri Kaminuza y’i Wittenberg. Ico gihe yatanguye kwiyigisha ivyanditswe mu ndimi zo hambere. Atangura gusobanurira abigishwa ivya Bibiliya; igitabo ca Zaburi, ibitabo vy’Ubutumwa n’Amakete y’intumwa, bisigurirwa abantu bavyishimiye cane. Umugenzi wiwe Staupitz, yari asanzwe ari nawe amukuriye mu mabanga, yaramuhanuye ngo aduge ku ruhimbi maze asigurire abantu ijambo ry’Imana. Luther ntiyashotse yemera,yabanje gutenyenya: yiyumvira ko atabereye kubwira abantu ivya Kristo. Haraciye igihe kirekire afise iyo ntambara mu mutima, ariko araheza aragondozwa, aremera, arisunga ivyo abagenzi bari bamuhanuye. Yari asanzwe ari intwari mu Vyanditswe vyera, kand’ubuntu bw’Imana bwari muri we. Amajambo yiwe atomoye yakwega abayumva, ubwenge nyabwo n’ubushobozi bw’ukuvuga ukuri vyarabemeje rwose, maze ubutwari yavugana bukabakaba ku mitima yabo.IB 92.1

    Luther yari akiri umuntu ayoboka Ishengero ry’i Roma kandi ntan’ubwo yiyumvira kuba yotandukana naryo. Imana yaramuyoboye kuja kuraba Roma. Urwo rugendo yarugize ku maguru, akagenda acumbika ahari ibigo vy’abamonaki. Ashitse mu kigo kimwe mu Butaliyano, yatangajwe n’ukubona ukuntu ico kigo gitunze, kinibaniba mu bintu vy’agaciro karenze urugero. Kubwo ibintu bakorerwa n’abaganwa, abamonaki baba mu nyubakwa ziteye igomwe, bambara impuzu zigezweko zizimvye kuruta izindi zose, kandi imeza yabo yama yuzuye ivyo kurya nk’iyo abantu bafise urubanza. Luther yaratuntuye umutima kubw’ivyo yari amaze kubona, na cane cane abigereranije n’ubuzima bugoye bwo kwiyima yari abayemwo. Ivyo vyatumwe umutima wiwe ugira amadidane akomeye.IB 92.2

    Nubwo yari akiri kure, yahavuye mu nyuma abona igisagara cubatswe ku dutumba indwi. N’ikigumbagumba cinshi yaciye arambarara hasi maze yitangaza avuga ati: “Ndakuramukije Roma nyeranda” (-Ibid., b. 2, ch. 6.). Yahavuye ashika muri ico gisagara, atembera mu nsengero zaco, yumviriza inkuru ziryoheye amatwi abapatiri n’abamonaki bama basubiyemwo, kandi ararangura imihango yose bamusaba. Aho yaciye hose yahabonye ibintu vyamutangaje, biramubabaza. Yabonye ko icaha catse indaro mu bihebeye Imana bo ku ntambuko zose. Yarumvise udukuru dutwenza tuvugwa n’abapatiri; arashangashirwa abonye ingene barogota ku Mana mu buryo bubabaje, mbere no mu gihe baba bariko basoma Misa. Kubwo kugendera abamonaki mbere n’abanyagihugu, yashoboye kubona ko ata kindi kintu kirangwa hagati muri bo atari ugusesagura hamwe n’ubuhumbu. Aho hose yashoboye gutereza akajisho, mu kibanza cubahwa, ceranda, yahasanga ibimenyetso vyo kurogota. Ivyo vyamuteye kwandika mu nyuma avuga ati: “Nta muntu ashobora kwiyumvira ingene ivyaha hamwe n’ibindi bintu biteye isoni bikorerwa i Roma uko bingana. Uwobivuga ni uwavyumvise kandi akabibona. Ico ni co catumye habaho iyi mvugo imenyerewe ngo: “nimba hariho Gehinomu, igisagara ca Roma cubatswe hejuru yayo. Ni igisumayenzi cuburukamwo ubwoko bw’ivyaha vyose” (-Ibid., b. 2, ch. 6.)IB 92.3

    Papa yari yaremereye ikigongwe c’ivyaha (Indulgensiya) uwo wese azokwemera kwuriza amavi ku ngazi yari izwi kw’izina ry’ “Ingazi ya Pilato”. Bivugwa ko iyo ngazi Umukiza wacu yayimanutse igihe yasohoka avuye mu cumba aho sentare y’Abaroma yari yashashe. Mu buryo butangaje, iyo ngazi ngo yoba yakuwe i Yerusalemu maze ijanwa i Roma. Umusi umwe Luther yariko arakor’ico gikorwa c’ukugenza amavi,buno nyene aca yumva ijwi nk’iry’umuturagaro, riti: “Umugororotsi wanje azobeshwaho no kwizera!” (Abaroma 1:17) Aca ava hasi buno nyene afise isoni n’ubwoba, ava ngaho yariko arakorera ibitabereye. Ntiyigeze yibagira namba uyo murongo. Kuva ico gihe yasobanukiwe n’ubujuju bwo kwizera yuk’ibikorwa vy’abantu bizana agakiza, n’akamaro ko guhora wizeye ubuntu bwa Kristo. Amaso yiwe yaciye ahumuka ntiyongera guhumiriza kugira ngo ntabone ubuhendanyi bw’inyigisho z’lshengero ry’i Roma. Yari yamaze kuvana mu mutima wiwe iciyumviro kw’Ishengero ry’i Roma. Kuva ico gihe ukwitandukanya kwarabandanije gushika aho yatanye rwose n’ishengero ry’i Roma.IB 92.4

    Luther amaze kugaruka avuye i Roma, yahawe agaciro k’umuntu afise ubuhinga bwo hejuru muri Bibiliya (Docteur en Theologie) muri Kaminuza y’i Wittenberg. Noneho yari aronse uburyo nyabwo bwo kwihebera Ivyanditswe vyera atiziganije, kuko yabikunda cane. Yari yararahiriye gusoma Bibiliya no kuyiyigisha yitonze. Ntiyayiteranya n’amajambo y’abapapa mu buzima bwiwe bwose. Naho yari akiri umumonaki asanzwe canke umwigisha mukuru wa Bibiliya, ariko yari yahamagariwe kugaburira abantu bo mu busho bw’Imana bafise inzara y’ljambo ry’ukuri. Yarihagararako mu kuvuga y’uko abakristo badakwiye kwongera kwakira izindi nyigisho zitari iza Bibiliya. Ayo majambo yasambuye rwose ubutegetsi bw’abapapa. Yari amajambo aboneka kw’ari inkomoko y’ubugorozi bw’idini.IB 93.1

    Luther yarabona ko gushira ivyiyumviro vy’abantu hejuru y’ijambo ry’Imana ari ingorane ikomeye. Yarahanganye ata bwoba n’ukutizera kw’abantu baminuje mu bumenyi; maze ivyiyumviro vyo hejuru hamwe n’inyigisho menyeshamana vyari vyaraboheye abantu amaboko i Mugongo, igihe kirekire, i Buraya, arabirwanya. Izo nyigisho yazitunze urutoke atari uko ataco zimaze vyonyene; ariko kandi ari ukubera ko zidatomoye. Yarajwe ishinga no kwumvisha abamwumviriza ko batoreka ngo ubwenge bwabo busamazwe n’abigira abahinga mu kwiyumvira, canke abigisha gito b’ivy’ iyobokamana; ahubwo ko bosamarira ukuri kw’ibihe vyose nk’uko kwashikirijwe n’abahanuzi hamwe n’intumwa.IB 93.2

    Ubutumwa yashikiriza abantu bama banyotewe kwumviriza amajambo yiwe bwari ingirakamaro. Inyigisho nk’izo abantu ntibari bwigere bazumva n’igihe na kimwe. Ubutumwa buryoheye amatwi bw’urukundo rvv’umukiza, ikigongwe ntabanduka n’amahoro turonka kubwo amaraso yavuye ariko araducungura, vyazana umunezero mu mitima y’abamuteze amatwi, maze bigatuma igira ivyizigiro vyamaho. Muri iyo Kaminuza y’i Wittenberg, umuco wari wamaze kwaka: imishwarara yawo yari isigaje gukwiragira mu duce twose tw’isi, kandi uko iherezo ry’igihe rigenda ryegereza ni nako uwo muco urushirizaho guca ibibatsi.IB 93.3

    Ariko rero, umuco n’umwiza ntibishobora guhuza. Hariho urugamba rutabanguranywa hagati y’ukuri n’ikinyoma. Iyo ushigikiye kimwe muri ivyo bibiri ukagishira hejuru uba urwanije ikindi kandi ugikumiriye. Umukiza wacu ubwiwe yaravuze ati: “Sinaje gutera amahoro atari inkota”. (Matayo 10:34) Haheze imyaka mike igikorwa c’ubugorozi gitanguye, Luther yaravuze ati: “Imana Ntinyobora, iransunika. Iranderura. Si jewe nigenga. Kubwanje, numva nobaho nitekerereje, ariko raba nsanga naterewe mu ruhagarara no mu midurumbanyo” (-DAubigne, b. 5, ch. 2). Hari hasigaye gato gusa akerekana uruhara rwiwe muri ico kiringo.IB 93.4

    Ishengero ry’i Roma ryari ryahinduye ubuntu bw’Imana urucuruzwa. I ruhande y’uruhimbi hariho amameza y’abantu bavunja amahera. (Matayo 21:12). Mu rusengero humvikana akamo k’abagurisha hamwe n’abashorera. Ku bwo kurondera uburyo kugira ngo i Roma hubakwe urusengero rwitiriwe Petero mweranda, Papa yaratanze itegeko y’uko ikigongwe c’ivyaha cocuruzwa icese. Kubw’igiciro c’ubugizi bwa nabi, ingoro yo gusengeramwo Imana yari igiye kwubakwa; ibuye ry’impfuruka ryari rigiye gushingirwa ku bigabitanyo. Ariko uburyo Roma yahisemwo gukoresha kugira ngo yisununure nibwo bwabaye inkwezi y’urupfu ku cubahiro n’ubushobozi yari ifise. Ico ni co catumye abantu baterekwa “ubupapa” maze barahaguruka, bashika ku ntumbero yabo. Ni navyo vyabaye inkomoko y’urugamba rukomeye rwahungabanije intebe y’icubahiro y’ubupapa, rutuma n’ingori zitatu zisanzwe ziri ku mutwe w’uwo murongozi w’ishengero, i Roma, zitirigana.IB 94.1

    Intumwa idasanze yaserukiye Papa mu Budagi kugurisha ikigongwe c’Imana yitwa Yohana Tetzel. Uyo yari yaragiriwe n’ibibi biteye isoni yari yarakoze imbere y’abantu hamwe n’imbere y’amabwirizwa y’Imana; ariko yari yashoboye gukoresha uburiganya kuburyo atari yahaniwe ivyo yakoze. Uyo ni we yahavuye yizigirwa n’ubupapa maze bamukoresha nk’umucangero mu migambi yabwo. Ntiyakorvva n’isoni zo kwama yasubiyemwo ibinyoma, akavuga inkuru zo gutwenza kugira ngo ahende abantu bafise ubumenyi buke, boroshe kwemera kandi bemera n’ibintanzi. Iyo bano baba bafise ijambo ry’Imana, ntibari guhendwa ukur'aho. Ivyo vyakorwa kugira ngo ubupapa bukomeze bubagireko ububasha; kugira ngo bashobore kubandanya bashigikira ubutware kandi bahunda n’ubutunzi abarongozi babo bari bahahamiye ivyubahiro, ivyo Bibiliya yari yarabonkoye. (See John C. L. Gieseler, A Compendium of Ecclesiastical History, per. 4, sec. 1, par. 5.)IB 94.2

    Imbere y’uko Tetzel ashika mu gisagara runaka, integuza yamwitangira imbere igenda ivuga iti: “Ubuntu bwTmana hamwe n'ubwa data mweranda bwabashikiriye”(-D’Aubigne, b. 3, ch. 1). Hanyuma abantu baca bipfuriza ikaze uyo muntu akigereranya nk’uko yoba ari Imana yo ubwayo yavuye mw’ijuru ikabagendera. Urwo rudandaza rutukisha Imana rwabera mu rusengero. Tetzel yahagarara ku ruhimbi, maze agahayagiza ukugurisha ikigongwe c’Imana nk’ingabire y’agaciro y’lmana iruta izindi zose. Yaramenyesha y’uko kubera ivyete vy’imbabazi atanga, ivyaha vyose umuntu ashobora kwipfuza gukora inyuma y’uko aba yasavye ico cete akakironka, abiharirwa; kandi ko atari nkenerwa y’uko arinda kwihana (-Ibid., b. 3, ch. 1.). Iciyongeye kuri ivyo, yaremeza ababa bariko baramwumviriza ko urudandazwa rw’ikigongwe c’Imana rudafise ubushobozi gusa bwo gukiza abakiri bazima, ahubwo rubufise no ku bamaze gupfa. Yabumvisha y’uko amahera yaba agikorokera gusa mw’isandugu yayatorezamwo, maze umutima w’uwo bayatangiye ugaca uva muri Purigatori, ugafata inzira uja mw’ijuru (See K. R. Hagenbach, History of the Reformation, vol. 1, p. 96.)IB 94.3

    Aho Simoni Magus umunyamareba yasaba intumwa ngo zimugurire ububasha bwo gukora ibitangaro, Petero yamwishuye avuga ati: “Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuko ugira ngw’ingabire y’lmana woyironkesha amahera”. (Ivyakozwe n’Intumwa 8:20) Ariko ingabirano ya Tetzel, abantu isinzi bayakirana igishika cinshi. Izahabu n’ifeza vyarushirizaho kugwirirana mw’isandugu yiwe. Agakiza kashobora kugurishwa amahera kari koroshe kuronkwa kuruta ako umuntu ashikira abanje kwihana, kwizera, hamwe no kugira umwitwarariko wo guhangana n’icaha ukagitsinda.IB 94.4

    Abantu bo mw’ishengero ry’i Roma, baminuje mu bumenyi kandi bakunda ivy’Imana, baranebaguye iyo nyigisho yo kugurisha ikigongwe c’Imana. Kandi abatizera izo nyigisho zihushanije n’ivyo ubwenge bushobora kwiyumvira hamwe n’ivyahishuwe, bari benshi. Nubwo ata munyacubahiro mw’ishengero yari kurikirutsa ngo yiyamirize urwo rudandaza rutabereye, ariko rwari rwahungabanije ubwenge bw’abantu benshi bari baguye mu gahundwe. Benshi mbere baribaza nimba Imana ata muntu yokoresha kugira ngo izo nyigisho zihumanurwe mw’ishengero.IB 95.1

    Nubwo Luther yiyumvamwo ko ari musi y’uburongozi bwa Papa, yaratekewe n’ubwoba yumvise amajambo y’amarogotano yavugwa n’abo badandaza b’ikigongwe c’Imana. Benshi mu bizera bo mw’ishengero yari arongoye bari baraguze ivyete vy’ikjgongwe maze bidatevye, baca batangura gusanga umurongozi wabo mu vya Mpwemu, birega ivyaha vyabo. Baba biteguye guharirwa atari uko bigaye bakaba bipfuza guhinduka, ahubwo ari uko bizeye ko ikigongwe bakiguze. Luther yaranse kubaharira ahubwo arabagabisha ababwira ko ni baba batihanye, ngo habe umuvyuro mu buzima bwabo, bazohonera mu vyaha vyabo. Abo bantu baradidaniwe cane mu mutima, baca bakwakwanya basubira inyuma kwa Yohana Tetzel, bamushiriye ikirego c’uko uwari kubiregesha yanse kwakira no kwemera ivyete vy’ikigongwe bamweretse. Bamwe mbere baramwubahutse bamusaba kubasubiza amafaranga yabo baguze ivyo vyete. Iyo nkuru yatumye Tetzel yijirirwa mu mutima no mu maso maze atangura kuvumana. Yarasavye kenshi ko abantu badomeka umuriro mu kibanza c’ikoraniro ry'abantu bose maze atangaza yuko ‘“yaronse itegeko rivuye kwa Papa ryo guturira abo bose batemera inyigisho yatanze, ahubwo usanga barajwe ishinga no guhinyuza iryo gurishwa ryeranda ry’ibigongwe (-D’Aubigne, b. 3, ch. 4.).IB 95.2

    Aha ni ho rero Luther yiyerekaniye mu gikorwa ciwe kw'ari inshirwarimenetse mu guharanira ukuri. Yarahagarara ku ruhimbi ijwi ryiwe rikumvikanamwo imburi zikomeye kandi z’igitangaza.Yabwiye abantu ingene icaha kibabaza Imana, kand’avuga yuko ata muntu yoshobora kwiyorohereza ibicumuro ubwiwe. Nta kintu ic’arico cose coshobora gukiza umunyavyaha atar’ukwihana no kwizera Kristo. Ubuntu bw’Imana ntibugurwa butangirwa gusa ata kiguzi na gitoyi. Luther yakebuye abantu ngo ntibagure ivyete vy’ikigongwe c’ivyaha (indulgensiya), ahubwo ngo batumbereze amaso yabo, kubwo kwizera, Umukiza yabambwe. Yabiganiye ingene vyamugoye mu buzima bwiwe aho yakora ibisa n’ibihano kugirango aronke agakiza k’ivyaha vyiwe, yamara bikaba ivy’ubusa ntakaronke, araheza ashingira intahe abamwumva bose ko yaronse amahoro n’umunezero aho ahebeye ukwiyemera kwiwe akizera Kristo gusa.IB 95.3

    Kubera ko Tetzel yabandanije urudandaza rwiwe hamwe n’amajambo yo kwirarira; Luther yafashe ingingo ntabanduka yo kwiyamiriza ubwo bunyonyezi bwakorwa izuba ryaka. Umusi umwe yaronse akaryo kadasanzwe ko kubikora. Urusengero rwo ku kirimba c’i Wittenberg rwari rwarashinguye bimwe mu bisigarira vyibutsa ibibanza, abantu canke ibintu vyabayeho kera. Mu misi y’ibiruhuko, abantu bararikirwa kuza kuraba ivyo bisigarira; kandi uwo wese yinjira ico gihe mu rusengero kandi akirega yararekurirwa ivyaha vyiwe vyose. Iyo misi mikuru yitabirwa n’abantu ku bwinshi. Umwe muri iyo misi mikuru ihambaye, isabukuru y’aberanda bose, wari wegereje. Hasigaye umusi umwe gusa ngo uwo musi mukuru ushike, Luther yakurikiye abantu bari bafashe inzira baja kw’isengero, maze ahashitse, aca amanika ku rugi urupapuro rwariko ingingo mirongo icenda na zitanu ziyamiriza inyigisho zemeza ko ikigongwe c’Imana cogurishwa. Yaranamenyesheje ko yari yiteguye gusobanurira abantu izo ngingo, ku musi ukurikira, mu kigo ca Kaminuza y’i Wittenberg, kuri uwo wese yari afise ico azinegurako.IB 95.4

    Nta muntu n’umwe atarondeye kumenya izo ngingo uko zari mirongo icenda na zitanu. Abantu bahereye mu mpande zose barazisoma, bakongera bakazisoma, bakongera bakazisubiramwo. Muri iyo Kaminuza y’i Wittenberg hamwe no mu gisagara cose, abantu basa nk’uko bikanguye mw’itiro barimwo. Izo ngingo zerekana y’uko ubushobozi bwo kubabarira ivyaha hamwe no guhanagura ingaruka zavyo, butigeze buhabwa Papa canke uwundi muntu wese. Urudandazwa rw’ikigongwe c’Imana cari ikinyoma cigendera, uburyo bwiyumviriwe bwo kwegeranya amafaranga y’abantu bemera ibintazi; cari igikoresho ca Satani co gusenya imitima y’abo bose baba bemeye guhendwa na we. Kari kabaye n’akaryo ko kwerekana ku buryo bugaragara ko ubutumwa bwiza bwa Kristo ari bwo butunzi ntangere ishengero rifise, kandi ko ubuntu bw’Imana buboneka muri ubwo butumwa bwiza butangirwa ubusa kuri uwo wese aburondera, biciye mu kwihana hamwe no kwizera.IB 96.1

    Izo ngingo Luther yanditse zashobora gutuma habaho uguharira gukomeye, ariko harabuze n’umuntu n’umwe yokwiyemeza ngo baziharireko. Ibibazo yari yadomyeko urutoke, mu misi mike, vyari bimaze kumenyekana mu gihugu c’ubudagi, ahantu hose. Mu ndwi zikeya zonyene, ahari ishengero rukristo hose, ni vyo vyahavugwa. Benshi mu bayoboke b’ishengero ry’i Roma, bari barabonye ibigabitanyo biteye ubwoba bikorerwa mw’ishengero, bikabababaza, ariko ntibamenye ingene bobihagarika ngo ntibibandanye bikorwa; izo ngingo bazisomye bafise umunezero mwinshi kuko bazibonamwo ijwi ry’Imana ririko ryivugira. Babonye ko Umwami yagize imbabazi maze akarungika ukuboko kwiwe ngo guhagarike vuba ububegito bwariko buratsimbatazwa n’ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma. Abaganwa n’abatware baranezerewe bihoreye kubwo kubona ko ubushobozi bw’ubutegetsi bwishira hejuru bukanka gukurwa ku ngingo buba bwafashe, bugiye guhagarikwa.IB 96.2

    Ariko kandi ku rundi ruhande, ubwoba bwari bwatekeye abantu benshi bimenyereje icaha kandi bakagendera mu bintazi, kuko ivyo bari bubatseko bakumva baratekaniwe, vyari vyasambutse. Abarongozi b’ishengero bamaze kubona ko uruhara rwabo mu gusasira indava ikibi rushizwe ahabona maze n’inyungu zabo zikageramirwa, ishavu ryaraziririnze, baca biyemeza gukorera hamwe ngo bashigikire ivyiyumviro vyabo. Rero, Luther yari afise abamurwanya bamukenyereye. Bamwe bamwagiriza ko akorana ibintu igihababu atabanje kwiyumvira. Abandi nabo bavugako yubahuka agakora ibintu kubwo kwishira hejuru no kwiyemera, ariko atarongowe n’Imana. Abo bose yabishura avuga ati: ” Ninde muntu n’umwe muri mwebwe atazi ko atari kenshi umuntu yozana iciyumviro gishasha ngo abandi babe batobura kumubonamwo ubwibone, canke ngo bamwagirize ko azanye uruhgarara? Ni kuki Kristo hamwe n’abamaratiri bose bishwe? Ni uko bababona nk’abantu bishira hejuru bagaca ku biri n’abanyabwenge b’igihe cabo. Ni uko bazanye ibintu bishasha batabanje guca bugufi ngo bahanuze bisunze ivyiyumviro vyari bihasanzwe”.IB 96.3

    Yarongeye avuga ati: “Ico nzokora cose, ntikizoba gikozwe no kugira amakenga kw’umuntu, ahubwo kizoba gikozwe kubwo impanuro z’Imana. None ni nde yohagarika igikorwa c’Imana? None nimba kitahagarara, ni nde yogiteza imbere? Si ubugombe bwanje canke ubugombe bwabo, canke ubugombe bwacu; ariko ni ubugombe bwawe, Data wera, uba mw’ijuru.” (Ibid., b. 3, ch. 6.)IB 96.4

    Nubwo Luther yari yahagurukijwe na Mpwemu w’Imana ngo atanguze igikorwa cayo, ntiyari kubibandanya adahuye n’ingorane zikomeye. Ivyo abansi biwe bamwagiriza, ukuntu batanga insiguro zigoramye z’intumbero afise, ukuntu bari bafise ivyiyumviro bidatomoye, vyuzuye uburyarya, iyo bavuga kamere yiwe hamwe n’imigambi afise; ivyo vyose vyaramurengera nk’umwuzurira w’amazi; ntivyashobora kumusiga amarembe. Ariko yari afise ivyizigiro yuko abarongoye abandi haba mw’ishengero canke mu mashuri bazoshigikira banezerewe utwigoro twiwe mu kurondera guhindura ibitagenda neza. Amajambo aremesha yamushikira avuye ku banyacubahiro yari yamuteye umunezero hamwe n’ivyizigiro. Imbere yahabona ibihe vyiza vyari birindiriye ishengero. Ariko rero amajambo aremesha yari yahavuye asubirirwa n’ayo kumuhambarira hamwe no kumucirako iteka. Abanyacubahiro benshi mu gihugu no mw’ishengero barabona ko ingingo yashikirije ari ukuri; ariko bidatevye barabonye ko hazobaho ihinduka rikomeye hamwe izo ngingo abantu boba bazemeye. Kumurikira abantu hamwe no gufasha ngo habe umuvyuro hagati muri bo kwari ukubangamira ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma, kwari ukuzibira imigezi ibihumbi n’ibihumbi ntibe ikivomera ibigega vy’ubutunzi bwaryo. Ivyo vyari gutuma ukwinibanibira no kwibera mu bihimbaro vyaranga abarongozi b’ubupapa, bigabanuka cane. Ikiruta n’ivyo, kwigisha abantu kwiyumvira no gukora nk’abazobibazwa umusi uri izina, kubararikira gutumbera Yesu wenyene ngo turonke agakiza, vyari gutuma intebe ya Papa ihenuka maze ubutegetsi bwiwe bukaba bwosenyuka. Kubera izi mpamvu zose, baranse kwakira ubumenyi Imana yari ibarungikiye, biha kurwanya umuntu Imana yari yarungitse ngo abamurikire, gutyo baba baciye kubiri na Kristo hamwe n’ukuri kwiwe.IB 97.1

    Luther ariko yiraba yarahinze agashitsi. Yari umuntu umwe wenyene ahanganye n’ibihangange bihambaye kuri iyi si. Rimwe na rimwe vyarashika agakekeranya, akibaza nimba ari Imana koko yamuhagurukije ngo ahangane n’ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma. Uku ni ko yahavuye yandika: “Nari nde ngo mpangane na nyene icubahiro Papa, uwo abami bose bo kw’isi mbere hamwe n’isi yose badegedwa bari imbere yiwe? Nta muntu n’umwe ashobora kumenya akababaro umutima wanje wagize mu myaka ibiri ya mbere, canke ngo agire iciyumviro c’ingene nacitse intege, canke c’ukuntu nakorokeye mu mwonga w’umwiheburo ” (-Ibid., b. 3, ch. 6.) Ariko Imana ntiyakunze ko agenda akagirire. Amaze kubona ko ata muntu agifise wo kumuremesha, yatumbereje amaso yiwe ku Mana yonyene maze aharonkera icigwa c’uko yokwishigikiza, mu mutekano ntangere, ukwo kuboko kw’ubushobozi bwose.IB 97.2

    Yandikiye umugenzi wiwe bafadikanije igikorwa c’ubugorozi avuga ati: “Ntidushobora gutahura Ivyanditswe biciye mu kwiga canke mu gukoresha ubwenge. Igikorwa ca mbere ukwiriye gutangurirako ni ugusenga. Ni winginge Imana ikugirire ubuntu bwayo bukomeye, iguhe gutahura ijambo ryayo. Nta wundi yotanga insiguro y’ijambo ry’Imana uretse uwaryanditse we ubwiwe nk’uko yavyivugiye ati : ‘Bose bazokwigishwa n’lmana’. Nta vyizigiro na bimwe biri mu twigoro wogira urondera ugutahura kwawe; ni wizere Imana yonyene hamwe n’ubwaku bwa Mpwemu wayo mweranda. Ibi uvyizigire kuko ubibwiwe n’umuntu yabigendereje” (-Ibid., b. 3, ch. 7.) Hano hari icigwa gihambaye kuri abo bose biyumvira ko Imana yabahamagaye kugira ngo ibakoreshe mu gushikiriza abandi ukuri kw’iki gihe. Ukwo kuri kuzotuma Satani hamwe n’abantu bakunda imigani yabahendesheje bagira ishavu. Mu guhangana n’ubushobozi bw’ikibi harakenewe ikintu gihambaye kurusha kure ubushobozi bw’ubumenyi hamwe n’ubukerebutsi bw’umwana w’umuntu.IB 97.3

    Igihe abansi biwe bashira imbere imico n’imigenzo hamwe n’ivyipfuzo n’ubutegetsi vya Papa, Luther we ntakindi yashira imbere uretse Bibiliya yonyene. Mu gitabo ceranda niho yakura ivyo yishimikiza batashobora kuvuguruza. Ni co gituma abo bantu bari mu buja bwo gushigikira inyigisho zidafie ishingiro hamwe n’ibintazi barondeye gusesa amaraso yiwe nk’uko abayuda barondeye kuvisha amaraso ya Yesu. Abashigikiye inyigisho z’ishengero ry’i Roma batera akamo bavuga bati: “Ni umuhakanyi. Kureka umuntu nk’uyo ngo abeho n’isaha n’imwe yonyene ni uguhemukira ishengero ku buryo bukomeye. Birakwiye ko hategurwa vuba na vuba igiti co kumunikako.” (-Ibid., b. 3, ch. 9.) Imana ishimwe kuko Luther ntiyigeze arwa mu vyara vy’abansi biwe. Yari imufitiye igikorwa kandi yari yarungitse abamarayika bo mw’ijuru ngo bamukingire. Ariko benshi mu bakiriye umuco uhambaye kubwa Luther barashikiwe n'uburake bwa Satani kandi kubwo gushingira intahe ukuri bahangana n’umubabaro, baratotezwa, ariko ntibatinye mbere no gupfa.IB 98.1

    Inyigisho za Luther zashitse ku nyota abantu, abanyabwenge bo mu gihugu c’Ubudagi. Inyigisho n’insiguro ziwe vyazanye umuco umurikira abantu ibihumbi mu mitima. Ukwizera gukomeye kwatanguye gusubira mu kibanza c’uburyarya bwari bwuzuye mw’ishengero imyaka itari mike. Ibihe vyose umwizero bahoranira idini ry’i Roma waragabanuka. Iciyumviro co kwanka ibintu bitavuye kwa papa gitangura kugabanuka. Ijambo ry’Imana ari ryo Luther yari ashinzeko inyigisho ziwe n’ivyo yavuga vyari nk’inkota y’ubugi bubiri bucagagura imitima. Ahantu hose haboneka umuvyuro wo kwipfuza iterambere mu vya Mpwemu. Ahantu hose hari hafise inzara n’inyota vy’ukuri, kuruta ibindi bihe vyose vyahise. Abantu bari bamaze imyaka myinshi bategekwa kwizera imigenzo y’abantu n’abahuza b’abantu, batangura guhinduka, bizera Kristo yabambwe.IB 98.2

    Uwo muvyuro udasanzwe wabonetse hirya no hino mu bantu watumye abarongozi b’ishengero i Roma barushirizaho kugira ubwoba. Luther yarungikiwe urwete rumuhamagara kwitaba i Roma kugira ngo yishure ku kirego c’uko yigisha ibinyoma. Urwo rwete rwateye abagenzi biwe ubwoba. Baciye babona neza ko ashobora kugirira ingora muri ico gisagara cari carawihaye mu gukora ikibi, cari kimaze kuborezwa n’amaraso y’abamaratiri ba Yesu. Barihagazeko baramwankira ko agenda i Roma ahubwo basaba ko bamwumviririza mu Budagi.IB 98.3

    Papa yahavuye yemera ico gisabo maze agena umuntu amuserukira aza kwumviriza Luther. Mu ngingo ngenderwako zo kwisunga yamuhaye, yamubwiye ko vyamaze kumenyekana ko Luther yigisha ibinyoma. Rero ico iyo ntumwa yari ijejwe kwari ugukurikana Luther no kumusaba kwisubirako bidatevye. “Ni yaba naho yanse kugondozwa ntakurwe kw’ijambo, ngo yihindukize, iyo ntumwa yari yahawe ububasha bwo guca imukumira mu gihugu c’Ubudagi, abamukurikira bose bakabaharira ivomo, bakabavuma kandi bakabirukana mw’ishengero.”(Ibid., b. 4, ch. 2) Hamwe n’ivyo, kugira arandurane n’imizi izo nyigisho yari yateye nk’akaranda, iyo ntumwa ya Papa yari yahawe ubushobozi bwo kwirukana mw’ishengero abantu bose, ataravye icubahiro bafise mw’ishengero canke mu gihugu, bazoba bafashe minenerwe itegeko ryo gufata Luther n’abayoboke biwe, bakabashira imbere y’ishengero ry’i Roma, ngo ribacire urubanza. Abo bose bategerezwa gufatirwa ingingo uretse umwami w’abami wenyene.IB 98.4

    Aha ni ho agatima k’ubupapa kabonekeye vy’ukuri. Mu rwandiko yahaye iyo ntumwa ngo yibangikanye, nta kintu na kimwe cerekana akaranga rukristo canke ubutungane shingiro carimwo. Luther yari kure cane y’igisagara ca Roma; nta karyo na kamwe yari yaronse ko kwisigura canke kumenyesha aho ahagaze; ariko raba, imbere y’uko ikibazo ciwe cigwa neza, icegeranyo cari camaze gushikirizwa y’uko yigisha ibinyoma. Mu kiringo kitarenze umusi umwe gusa, yategerezwa kurengutswa, akumvirizwa, agaciriwa urubanza kandi agakatirwa igihano; kandi ivyo vyose bigakorwa n’uwiyita ko ari “nyene ubweranda Papa”, wenyene ahambaye, umutware atihenda mw’ishengero no mu gihugu.IB 99.1

    Mu kiringo nk’ico, igihe Luther yari akeneye umugenzi yomugirira akagongwe akamuhanura, Imana mu nteguro zayo yarungitse Melanchthon i Wittenberg. Yari umusore, abayeho ubuzima bubayabaye,yifata, arimburana ibintu vyose ubwitonzi n’ubumenyi vyimbitse; imvugo yiwe yashika ku mutima abamwumviriza; yarezwe nk’umuntu ativayanga mu bintu vyomuhumanya kandi aharanira ubutungane n’ukuri: ivyo vyose vyatumye abantu bamutangarira kandi baramwishimira. Ingabire yari afise zari zatumye aba rurangiranwa ariko ntizari zamushikanye ku rugero yari yashitseko kubwo umutima w’ubuntu n’ikigongwe yari afise. Bidatevye yabaye umwigisha w’ubutumwa bwiza; ahinduka umugenzi Luther yizigira kandi aha agaciro, kubwo kumufasha. Yari umuntu mwiza, yitonda, akora ikintu nk’uko kibwirizwa gukorwa: ivyo vyarateye ingoga Luther, biruzuriza ubutware bwiwe. Ukwiyunga kwabo bagashira hamwe mu gikorwa vyongereje inguvu ubugorozi, vyongera bibera Luther isoko ihambaye rimutera intege.IB 99.2

    Augsbourg ni co gisagara cari cagenywe ngo Luther abe ari ho aburanira. Luther yafashe urugendo ajayo ku maguru. Abantu bari bamufitiye ubwoba cane. Hariho abari bamuhigiye icese ko bari bumufatire mu nzira maze bamwice; ivyo vyari vyatumye abagenzi biwe bamubuza kwigerezako. Baranamwinginze ngo abe arakinjuye ave i Wittenberg arondere ahantu yoba arikinze, aho abantu bomwakirana umunezero kandi bakanamukingira. Ariko ntivyamukundiye kuva mu kibanza Imana yari yamushizemwo. Yategerezwa kubandanya igikorwa mu bwizigirwa, ahagarariye ukuri, ataravye ingene yariko arakubagugwa n’igihuhusi c’umuyaga w’ingorane. Imvugo yiwe yari iyi ngo: “Jewe meze nka Yeremiya, umuntu atuma habaho imivurungano hamwe no kutumvikana. Ariko uko barushirizaho kuntera ubwoba niko nanje ndushirizaho kugira umunezero.. .Baramaze kunkurako iteka n’icubahiro nari mfise. Ikintu kimwe conyene ni co ngisigaranye: ni uyu mubiri wanje w’ubufafara; nibawunkureko nawo bawutware. Uko niko bari buzimanganye ubuzima bwanje mu masaha makeya. Ariko umushaha wanje wo ntibashobora kuwushikira ngo bawutware. Uwo wese azorondera kujana ijambo rya Kristo mw’isi, ategerezwa kwama yiteze urupfu igihe cose.” (Ibid., b. 4, ch. 4)IB 99.3

    Intumwa ya Papa yaranezerewe cane yumvise y’uko Luther yamaze gushika i Augsburg. “Uwo mwigisha w’ibinyoma” yatera umudurumbanyo ku buryo yari yatumye isi yose yikangura; noneho vyasa nk’uko ari musi y’ubushobozi bw’ishengero ry’i Roma, mbere iyo ntumwa ya Papa yari yagavye ngo ntahave amucika. Luther ntiyari yashoboye kwibangikanya icete ca murekarengane. Abagenzi biwe bari bamwinginze ngo ntahirahire ngo arenguke imbere y’intumwa ya Papa atayo afise; nico catumye biha umugambi wo kuyimuronderera ku mwami w’abami. Iyo ntumwa yari ifise umugambi wo kuremera Luther ngo yivuguruze, ibaye naho itabishitseko imuhe itegeko ryo kuja i Roma, kugira ngo ashobore gusangira na Huss hamwe na Jerome ivyabashikiye nabo. Ni muri ubwo buryo akoresheje abantu biwe yashatse kwumvisha Luther ko yofata urugendo ata murekarengane afise, akizigira vyonyene ko iyo ntumwa ya Papa izomukingira. Ivyo, Luther ntiyigerejeko ngo avyemere. Yavuze ko adashobora na gato kurenguka imbere y’intumwa ya Papa atabanje kuronka murekarengane y’umwami w’abami yemeza ko azomukingira.IB 99.4

    Umugambi w’abaserukira Papa wari uwo kugerageza kwiyegereza Luther bakoresheje ubugwaneza. Igihe intumwa ya Papa yariko imwikebukanya imubaza ibibazo, yagerageje kumwitwararika rwose imwereka ubugenzi buhambaye; ariko imusaba gusa ko yemera agaca bugufi, atagonanwa, musi y’ubutegetsi bw’ishengero kandi akemera ingingo yose ryigisha atarinze kugira ikibazo abaza canke ngo ahigimange. Iyo ntumwa ya Papa ntiyari yatohoje neza ngo imenye kamere ya Luther yari yatumyeko ngo imwaimvirize. Igihe Luther yariko aratanga inyishu ku bibazo yari yamubajije, yarerekanye ko yubaha ishengero, ko yipfuza ko ukuri kwoshirwa imbere kandi ko yiteguye gutanga inyishu ku bibazo vyose abantu boba bafise ku vyo yigishije, kandi ko ata comubuza kuziha za kaminuza rurangiranwa ngo zizisusume. Ariko ico yanse kwemerera uwo mukaridinali Papa yari yatumye ni uko yari kwisubirako, akivuguruza, batabanje kumwereka no kumwumvisha aho yoba yarakoze amakosa.IB 100.1

    Inyishu yonyene iyo ntumwa ya Papa yashobora gutanga yari iyi ngo: “Ni wisubireko, ni wivuguruze ” Luther yamweretse ko ivyo yemera kandi yigisha bishinze imizi mu Vyanditswe vyera, maze amukurira inkoni ku gishitsi ko adashobora kwihakana ukuri. Iyo ntumwa ya Papa ibonye ko idashoboye guhangana na Luther mu majambo, yaciye amukubiranya n’igihuhusi c’ivyagirizo hamwe n’ivyo yoronka hamwe yoba yisubiyeko; amajambo asosa y’uburyarya, akaza aranacishamwo ivyiyumviro n’amajambo yashikirijwe n’abarongoye ishengero kera, bituma amwima n’akaryo ko kuvuga. Luther amaze kubona ko hamwe iyo nama yobandanya uko ataco yoshobora gushikako, yaciye asaba - n’ubwo bitabuze kumugora, ko yorekurirwa gutanga inyishu ziwe azanditse kandi aravyemererwa.IB 100.2

    Luther yandikiye umugenzi wiwe avuga ati: “Icatumye nsaba ngo banyemerere kubishura nanditse, ni uko vyomfasha kabiri: ubwa mbere ni uko urwandiko rwari guhabwa n’abandi bakagira ico baruvuzeko; ica kabiri ni uko umuntu aba aronse akaryo ko gutera ubwoba, mbere canke gushikira umutimanama w’umuntu w’igihangange, w’inshirasoni, ata bundi buryo afise bwo kwiganza atari ugukoresha ururimi rucira amajambo aturira” (Martyn, The Life and Times of Luther, pages 271, 272)IB 100.3

    Mu mubonano wakurikiye, Luther yashikirije ivyiyumviro vyiwe ku buryo bwumvikana, butomoye kandi butunganije neza; yishimikije imirongo myinshi akuye mu Vyanditswe. Amaze gusoma icese, n’ijwi ritomoye, icegeranyo c’ivyiyumviro vyiwe, yaciye agiha uwo mu Karidinali yacakiranye ishavu aca agishira iruhande avuga ko ari igipapuro cuzuyeko amajambo adafise agaciro hamwe n’ibisomwa bitabereye. Luther yaciye ahaguruka ashavuye, ahangana n’iyo ntumwa ya Papa ku vyo yari ihejeje kuvuga - imigenzo n’inyigisho z’ishengero, maze aramukurugutura ku vyiyumviro yari ashikirije.IB 100.4

    Iyo ntumwa ya Papa imaze kubona ko ataco ifise yovuga ku nyishu z’ubwenge Luther yari ahejeje gutanga, yaciye ihahamuka, maze nk’umuntu yataye umutwe, iramukankamira: “Ni wivuguruze canke ndakurungika i Roma, ugende urenguke imbere y’abacamanza bagenywe ngo batohoze ivyawe. Ndakwirukana mw’ishengero wewe ubwawe hamwe n’abo bose bakugenda inyuma; mbere abo bose bazohirahira, igihe ico ari co cose, ngo bagukurikire; nzobahindira hanze y’ishengero.” Mu guheraheza yadugije ijwi avugana ubwibone kandi ashavuye ati: “Ni wivuguruze canke ntuze wongere kurenguka ukundi imbere yanje.” (-DAubigne, London ed., b. 4, ch. 8.)IB 101.1

    Luther n’abagenzi biwe ntibatevye guca bakinjura, biba biragaragaye yuko adashobora kwisubirako. Ivyo si vyo uwo mu Karidinali, intumwa idasanzwe ya Papa, yari yiteze. Yari yamye yihenda yibwira mu mutima yuko ashobora kwemeza Luther kwisubirako akoresheje imvugo y’iterabwoba. Ubu rero yari asigaye wenyene ari kumwe gusa n’abamushigikiye. Bararabanye bafise agahinda mu maso kuko ibintu vyari biheze uko batari bavyiteze.IB 101.2

    N’ubu nyene akigoro Luther yari yagize ahagararira ukuri ntikari kapfuye ubusa. Abantu isinzi bari baje kwumviriza aho yiregura, bari baronse akaryo ko kwumva ivyo we ubwiwe n’uyo mu Karidinali, bashikiriza. Barakurikiraniye hafi akarangamutima k’umwe umwe wese muri bo, buririye ku nguvu hamwe n’ubwizigirwa bibonekera mu vyo bavuga. Hariho ubudasa hagati yabo bompi. Luther nk’umuntu asanzwe, aciye bugufi, adahugumba, ahagaze mu nkomezi z’Imana mu ruhande rw’ukuri; intumwa ya Papa nk’umuntu ahambaye, avuga amajambo ateye ubwoba,yishira hejuru, avuga ibintu bidafise ishingiro, atari afise ingingo n’imwe yo mu Vyanditswe yoshigikiza ivyo yariko ashikiriza. Ico yashobora gukora conyene kwari ukuvugana inguvu ashira hejuru ati: “Ni wisubureko canke bakujane i Roma uhanwe.”IB 101.3

    N’ubwo Luther yari yibangikanije murekarengane, abaserukiye Papa bagiye umugambi wo kumufatisha no kumupfungisha. Abagenzi biwe bamusavye ko yosubira n’ingonga n’umwitwarariko mwinshi, mw’ibanga, i Wittenberg, kuko kuguma i Augsburg ntaco vyari bikimaze. Imbere y’uko izuba rirenga, yafashe urugendo ava i Augsburg ari kw'ifarasi, aherekejwe n’umuntu umwe gusa, wo kumwereka inzira, yari yahawe n’umutegetsi wo muri ico gisagara. N’ubwo yari ahanzwe n’ivyiyumviro bimubuza amahoro, Luther yarenganye mu mayira y’ico gisagara mw’ibanga, bumaze guhwibira. Abansi bari barikanuye kandi b’abagizi ba nabi, bariko baraja inama y’ukuntu bomuzimanganya. Imitego bari bamuteze yari kuyisimba? Ivyo vyari ibihe vy’umwiheburo hamwe no gusenga gushimitse. Yashoboye gushikira akaryango gatoya kari ku ruhome rw’igisagara. Ako karyango kari kuguruye, maze aca asohokana ng’aho hamwe n’uwari amuherekeje, ata ngorane. Bamaze gushika hanze y’igisagara ata nkomanzi, baciye bakwakwanya barihuta. Imbere y’uko intumwa ya Papa imenya ko Luther yakinjuye, bari bamaze gushika kure aho ababahama batashobora kubashikira. Satani n’intumwa ziwe bari bananiwe. Umuntu biyumvira yuko ari mu maboko yabo yari yabacitse, akanyoni kari kasimvye umutego w’umutezi.IB 101.4

    Intumwa ya Papa imaze kumenya ko Luther yamucitse, yararengewe, igwa mu gahundwe kandi yongera igira ishavu. Yari yamye yiteze ko azohava ashimirwa, bakamuha icubahiro kubwo ubukerebutsi bwiwe no kubwo yari kuba yatunganije ikibazo c’umuntu yariko aratera uruhagarara mw’ishengero. Ariko ivyizigiro vyiwe vyari bihejeje gukamangana. Yaciye yerekanira ishavu ryiwe mw’ikete yihutiye kwandikira Frederiko, umutware w’intara ya Saxonie, aho yagirije Luther ibintu vy’agacamutwe, agasaba uwo mutware y’uko yomurungika i Roma canke akamwimkana muri iyo ntara.IB 102.1

    Mu kwiregura, Luther yasavye ko iyo ntumwa ya Papa canke Papa we ubwiwe, amwereka akoresheje Ivyanditswe, amakosa bamwagiriza; kandi yarasezeranye icese, we ubwiwe, ko yiteguye kuvavanura n’inyigisho ziwe mu gihe vyoboneka ko ziciye kubiri n’ijambo ry’Imana. Yarongeye ashima Imana cane kubona yagiriwe ibakwe ryo gutotezwa ahorwa impamvu nyeranda.IB 102.2

    Uwo mutware wa Saxonie nta vyinshi yari azi ku nyigisho za Luther; ariko yaratangazwa cane n’ukubona ukuntu Luther yari intahemuka, ukuntu amajambo yiwe yari yuzuye inkomezi ariko yumvikana. Yigiriye inama yo kumukingira gushika igihe bizoba bimaze kugaragara ko ari mu makosa. Aya ni yo majambo yishuye intumwa ya Papa ku kibazo yari yabajije: “Wari ukwiriye kwumva ko utunganiwe kubera yuko Dogiteri Maritino yarengutse imbere yawe i Augsburg. Nta muntu n’umwe yigeze yiyumvira ko uri bugerageze kumugobera ngo yisubireko, hatabanje kubaho kumwumvisha amakosa yakoze. Nta muntu n’umwe w’incabwenge muri iyi ntara yigeze amenyesha ko inyigisho za Maritino ari ibinyoma, ko zoba zirwanya ubukristo canke ko zishigikiye ikibi.” Hamwe n’ivyo, uyo mutware ntiyemeye kurungika Luther i Roma, canke ngo amukumire mu turere twose yaganza.(- DAubigne, b. 4, ch. 10.)IB 102.3

    Uwo mutware w’iyo ntara ya Saxonie yari yamaze kubona ko muri rusangi imigenzo myiza mu bantu yari yamaze gutituka. Hari hakenewe rero igikorwa gikomeye c’umuvyuro. Uburyo butoroshe kandi buzimvye bukoreshwa kugira ngo bahane kandi bihanikirize ubugizi bwa nabi, ntibwoba bugikenewe, hamwe abantu bomenya kandi bakubahiriza ivyo Imana isaba, hamwe n’ivyo umutimanama wabo ubararikira. Yabonye ko Luther ari ico gikorwa yariko ararangura maze yumva aranezerewe mw’ibanga, kubona mw’ishengero ibintu biriko birasubira mu buryo.IB 102.4

    Ikindi yabonye ni uko Luther yari umuntu ashoboye kubera yuko yari umwigisha muri Kaminuza. Hari haheze umwaka umwe gusa Luther amanitse kuri rwa ruhome rw’urusengero rwo ku kirimba za ngingo mirongo icenda na zitanu; ariko vyari bimaze kugaragara yuko igitigiri c’abantu bahagandera baje mu ma sabukuru y’aberanda bose cagabanutse bimwe biboneka. Ishengero ry’i Roma ryari ryonkowe abayoboke baryo hamwe n’amashikanwa batanga. Ikibanza bahoramwo cari casubiriwe n’uwundi murwi w’abantu bataza noneho i Wittenberg nk’ingenzi zije gusenga ibisigarira vy’ibintu vya kera; ahubwo baza nk’abanyeshure bariko bararondera ubumenyi. Ingingo za Luther zari zatumye ahantu hose bijukira Ivyanditswe. Uretse mu Budagi honyene, no mu bindi bihugu abanyeshure bagiye ku bwinshi muri za Kaminuza. Abanyeshure bagishika ubwa mbere i Wittenberg “batunga amaboko yabo mw’ijuru, bagashimira Imana kubona yateye iteka igisagara cabo ngo abe ariho umuco utangurira mu kumurikira isi yose, mbere n’intara zose, nk’uko Siyoni yari imeze mu bihe vya kera. (Ibid., b. 4, ch. 10)IB 102.5

    Ariko rero, gushika n’aho nyene, Luther yari agifise ikizigizigi ku nyigisho z’ishengero ry’i Roma. Ariko uko yagenda agereranya amajambo meranda hamwe n’ingingo z’itegeko nshingiro ry’ishengero ry’i Roma, yaguye mu gahundwe. Yaranditse avuga ati: “Ndiko ndasoma ingingo abakuru b’ishengero i Roma bafashe; rero sinzi nimba Papa ubwiwe ari antikristo canke ari intumwa yiwe, kuko izo ngingo ziratitura Yesu Kristo zikamubamba.”(lbid., b. 5, ch. 1.) Ariko gushika ico gihe, Luther yari agifise agatima kw’ishengero ry’i Roma; nta n’ubwo yaribwiyumvire y’uko yotandukana na ryo.IB 103.1

    Inyandiko n’inyigisho z’uwo mugorozi zakwiye hose mu bihugu vyose vyarimwo abakristo. Igikorwa ciwe caragiye gishika mu Buswise no mu Buholande. Izo nyandiko barazigwijije zirashika no mu Bufaransa hamwe no muri Esupanye. Izo nyigisho zarakiriwe mu Bwongereza nk’amajambo y’ubuzima. Ukwo kuri kwarakwijwe, mbere gushika no mu Bugiriki no mu Butariyano. Abantu ibihumbi vyinshi babaye nk’abikanguye, baronka umunezero n’ivyizigiro n’imibereho vyubatse ku kwizigira Imana.IB 103.2

    Ishengero ry’i Roma ryarushirije kubura amahoro kubera inyandiko za Luther, ku buryo bamwe mu banywanyi baryo, mbere n’incabwenge mu ma Kaminuza y’abakatolika, bashitse aho bavuga yuko uwokwica uwo mumonaki w’umugumutsi ata caha yoba akoze. Umusi umwe, umuntu atamenyekanye izina yaramwegereye afise inkoho ntoya yambariyeko maze aramubaza igituma yariko aragenda wenyene. Luther yamwishuye ati: cfNdi mu maboko y’Imana, ni yo bushobozi bwanje, ni yo nkinzo yanje. Umwana w’umuntu yongira iki.” (-Ibid., b. 6, ch. 2.) Uwo muntu amaze kwumva ayo majambo, yarahindutse mu maso, aca akura meza, ava imbere y’abamarayika bo mw’ijuru.IB 103.3

    Ishengero ry’i Roma ryiyumviriye kwica Luther, arikw’Imana iramukingira. Inyigisho ziwe zakwiye hose- mu nzu z’abakuru no mu ngo z’abanyagihugu, mu mashure makuru no mu ngoro z’abami, maze abantu bakuru bavira hasi rimwe kumwunganira.(-Ibid., b. 6, ch. 2.)IB 103.4

    Ni muri ico gihe Luther ariko arasoma ivyo Yohana Huss yari yaranditse yasangamwo ukuri guhambaye kwo gutsindanishirizwa kubwo ukwizera. Ukuri we ubwiwe yariko arondera kumenya no kwigisha, uwo mugorozi w’i Bohemiya yari yarakumenye hakiri kare. Yaravuze ati: “Twese, Paulo, Augustino na jewe ubwanje, twakurikiye Yohana Huss tutabizi ” Yabandanije agira ati: “Si ikintu co gukekeranya, Imana izogendera isi iyimenyeshe ko haheze imyaka ijana yarabwiwe ukuri, ariko ko yaguturiye” (-Wylie, b. 6, ch. 1).IB 103.5

    Mw’ikete yandikiye umwami w’abami n’abaganwa b’Ubudagi ku vy’ubugorozi rukristo yaravuze ivya Papa ati:“Ni ikintu kibabaje rwose kubona umuntu yiyita intumwa iganza mu gishingo ca Kristo, agira itunga ritoronkwa n’uwundi mutegetsi uw’ari we wese.Mbega none ukwo ni kwo kuba nk'umworo Yesu, canke kwiyorosha nka Petero? Mu kwihaya bavuga ko ari umutware w’ijuru n’isi yose! Ariko Kristo, uwo Papa avuga abereye umusubirizi yaravuze ati: “Ubwami bwanje si ubw’ iyi si. None ubukuru bw’intumwa burashobora kuruta ubwa Shebuja?” (- D'Aubigne, b. 6, ch. 3.)IB 103.6

    Ku biraba amashure makuru yanditse ati: ltNdatinya cane yuko amashure makuru azohava acika umuryango wa Gihenomu, niyaramuka adakoze ukw’ashoboye kwose ngw’asigure ivyanditswe vyeranda no gukomeza imitima y’abasore. Inama ntanze ni uko ata muntu uw’ari we wese yojana umwana wiwe mw’ishure ritigisha Bibiliya nk’icigisho gikuru. Ishure ryose ritigisha Ijambo ry’Imana nta kiribuza kwononekara.” (- Ibid., b. 6, ch. 3.)IB 104.1

    Ayo majambo yakwijwe hose mu Budagi, ububasha bwayo bushika mu mitima y’abantu. Ico gihugu carikanguye kirwanira ubugorozi. Abansi ba Luther bari bafise inyota yo kumwihora bahatira Papa ngw’afate ingingo zikomeye. Hashinzwe itegeko ryo guhagarika inyigisho za Luther. Luther na bagenzi biwe bahawe imisi mirongo itandatu yo kwihana, ngo ni banka bacibwe mw’ishengero.IB 104.2

    Igikorwa c’ubugorozi cari gishitse mu bihe bitoroshe. Mu binjana vyinshi igihano c’ishengero ry’i Roma co kwirukanwa mw’ishengero cari carateye ubwoba abanyecubahiro b’ijunja, bituma ibihugu bikomeye vyinjira mu ngorane no mu mwiheburo. Abashikwako bose n’ico gihano, isi yose yabaraba nk’akabarore, ikabatinya. Ababanyi babo babaharira ivomo, bakabafata nk’uko atagaciro bafise, abantu bo gutotezwa no kuzimanganywa. Luther yarabona ko hari igihuhusi kimugeramiye ariko yahagaze ashikamye, yizera Kristo ko ariwe amuremesha kandi amubereye inkinzo. Aya ni yo majambo yandikanye ukwemera n’ukurinda kw’umumaratiri: “Ibigomba gushika sindabizi, kandi sindajwe ishinga no kubimenya.. .Ni mureke inkoni bayibangurire aho babona bibereye ko bayibangurira, ivyo nta bwoba binteye. Nta babi ry’igiti na rimwe rikorokera hasi bitavuye ku bugombe bw’Iinana. None tweho ntizotwitwararika ku rugero ruhambaye? Gupfa duhorwa ijambo ry’Imana, vyoba biri mu muco; kanatsinda Jambo umwe yigigize umuntu yarapfuye we ubwiwe. Ni twapfana nawe tuzobana nawe. Ni twagera amakanda yacu mu yiwe, tugaca mu ngorane yatubanjirije gucamwo, tuzobona gushikira aho ari, maze tubane nawe ibihe vyose.” (-Ibid., 3d London ed., Walther, 1840, b. 6, ch. 9)IB 104.3

    Aho itegeko rya Papa ryashikira Luther, yaravuga ati:“Ndakengereye rwose itegeko rya Papa, kandi nzorirwanya kuko atari iry’Imana, ahubwo ari ikinyoma gusa...Yesu ubwawe yaciriwe urubanza n’iryo tegeko. Nshimishijwe no kuremekwa ibibi ben’ivyo kubera igikorwa kidasanzwe c’Imana. Ubu ndafise umwidegemvyo mwinshi mu mutima, kuko ubu ntahuye yuko Papa ariwe wa munyobinyoma yarwanya Kristo, kandi kw’intebe yiwe y’ubutware ari iya Satani ubwiwe.” (-DAubigne, b. 6, ch. 9)IB 104.4

    Ariko ijambo ry’Umwepisikopi mukuru w’i Roma ryari rikomeye. Yakoresheje amabohero, ubwicanyi, inkota n’ibindi birwanisho vyo gutera ubwoba abantu. Ikintu cose cakorwa wamenga kigira kizimanganye igikorwa ca Luther. Abanyantege nke n’abanyabwoba bahinze agashitsi bagira ubwoba, aho bumviye itegeko rya Papa; kandi naho abantu bari bafise iciyumviro nk’ica Luther, abantu babona kw’atari vyiza kwiyahukiza kubera ubwo bugorozi bw’ishengero. Ikintu cose cerekana ko igikorwa c’ubugorozi kigiye guhagarara.IB 104.5

    Ariko ivyo ntivyatumye Luther agira ubwoba. Ishengero ry’i Roma ryari ryakoze uko rishoboye ngo rimwankirize rikoresheje ibihano vyose ryiyumviriye. Isi yose yarabikurikirana ku buryo ata gukekeranya kwari kukiriho: Luther yategerezwa gupfa canke naho akemera kugondozwa. Ariko uko si ko vyagenze. Iyo ngingo imucirako iteka yayakiranye ubushobozi busiga ubwenge, maze aca amenyesha icese y’uko atandukanye n’lshengero ry’i Roma. Imbere y’isinzi ry’abantu harimwo abanyeshure, abantu baminuje mu bumenyi hamwe n’abanyagihugu bo ku nzego zitandukanye, Luther yaturiye iryo kete rya Papa, igitabo c’amategeko Ishengero ry’i Roma rikurikiza, hamwe n’ibindi bitabo n’ivyandiko bishigikira ubushobozi bwa Papa, babona. “Mu guturira ibitabo nanditse, abansi banje bashoboye kwankiriza ubwaku ukuri kwari kugira ku mitimanama y’abantu basanzwe, ivyo vyatumye imishaha yabo isambuka. Kubera iyo mpamvu, nanje ndaturiye ibitabo vyabo”, uko niko yavuze. ” Urugamba rukomeye ruratanguye. Gushika kuri iyi saha, imigenderanire yanje na Papa yari nk’iyo abantu bariko barakina. Iki gikorwa nagitanguye mw’izina ry’Imana; kizoherahezwa atari ho ndi, n’ubushobozi bwayo.” (Ibid., b. 6, ch. 10.)IB 104.6

    Ku vyagirizi abansi biwe bashira imbere bakengera igikorwa ciwe, Luther yishuye kuri vyo avuga ati: “Ni nde yoba azi nimba Imana itantoranije mu bandi kandi ikampamagara; kandi ko bakwiye gutinya kunkengera kuko baba bariko barakengera Imana ubwayo? Mose yari wenyene mu gihe Abisirayeli basohoka muri Egiputa; Eliya yari wenyene mu gihe c’umwami Ahabu; Yesaya yari wenyene i Yerusalemu; Ezekiyeli yari wenyene i Babuloni.. .Imana mu gutoranya umuhanuzi, ntigomwa umuherezi mukuru canke uwundi muntu ahambaye; ariko mu buryo busanzwe itoranya abantu baciye bugufi canke bakengerwa; igihe kimwe mbere yatoranije umwungere Amosi. Mu runganwe rwose abera barigerejeko mu kugaya ibikorwa birangurwa n’abantu bahambaye, abami, abaganwa, abasaseridoti hamwe n’abantu b’abanyabwenge.. ..simvuze ko ndi uvugishwa n’lmana; ariko mvuze yuko bakwiriye gutinya na cane cane ko ndi umwe nabo bakaba ari benshi. Iki ni co kintu nemera, ni uko ndi mu ruhande rw’ijambo ry’Imana ariko rikaba ritari kumwe na bo.” (Ibid., b. 6, ch. 10.)IB 105.1

    Rwabaye urugamba rukomeye cane kugira ngo Luther ash ike aho afata ingingo ya nyuma yo gutandukana n’Ishengero ry’i Roma. Yagize amadidane akomeye mu mutima. Muri ico gihe niho yanditse avuga ati: “Ku musi ku musi, ndushirizaho gutahura gusumvya ingene bitoroshe kuvavanura n’imigenzo umuntu aba yarakuriyemwo kuva akiri umwana muto. Mbega ukuntu vyantuntuje umutima n’ubwo nari mfise Ivyanditswe vyera ku ruhande rwanje, kugira ngo niyumvishe y’uko ntegerezwa gutera intambwe nkashika aho ntandukana jenyene n’ubupapa kandi nkamenyesha abantu ko Papa ari antikristo. Amadidane ntagize mu mutima kubera ico ni ayahe? Ni kangahe ntaretse kwibaza mfise umutima utuntuye iki kibazo cari kenshi ku minwa y’abayoboke ba Papa: Ni wewe muntu wenyene w’inkerebutsi uriho? Mbega birashoboka ko uwundi muntu yogwa mw’ikosa? None vyozogenda gute igihe wosanga impera n’imperuka ari wewe uri mu makosa kandi ari wewe uriko urayakwegeramwo abantu benshi, kandi kubera ico bazoyogera ibihe vyose? Uko ni ko nahanganye na Satani, nongera ndirwanya jewe ubwanje, gushika aho Kristo, kubwo ijambo ry’Imana ritihenda yandemesheje ankiza ukwo gukekeranya.”(- Martyn, pages 372,373.)IB 105.2

    Umwepiskopi mukuru w’ishengero i Roma yari yarateye ubwoba Luther avuga yuko hamwe atokwisubirako azocibwa kandi akirukanwa mw’Ishengero katolika; ubu rero ivyahora bimutera ubwoba vyari bishikijwe. Irindi kete rya Papa ryarasohotse ryemeza icese yuko Luther yitandukanije ubutagaruka n’lshengero ry’i Roma, rimwagiriza ko ijuru ryamuvumye; kandi ko abo bose bakurikiye inyigisho ziwe bakazemera, n’abo nyene bazocirwako iteka nka we. Intambara ihambaye yari itanguye.IB 105.3

    Abo bose Imana ikoresha kugira ngo bashikirize ukuri na cane cane kw’igihe bagezemwo, bazokwankirizwa. Hariho ukuri kwategerezwa gushikirizwa mu gihe ca Luther, ukuri kwari guhambaye cane muri uyo mwanya; n’ishengero rirafise ukuri kwogushikiriza muri kino gihe. Umwe arangura ibintu vyose yisunze inama ijanye no gushaka kwiwe, vyaramuhimbaye gutoranya abantu ahantu hatandukanye maze akabashinga amabanga adasanzwe ajanye n’ibihe bagezemwo hamwe n’ukuntu babayeho. Hamwe boha agaciro umuco baronse, boca barushirizaho kwagukirwa mu gutahura ukuri. Ariko rero muri kino gihe nta bantu benshi bahurumbira ukuri kurusha uko vyari bimeze mu gihe ca Luther, aho abayoboke ba Papa bakurwanya. Nk’uko vyari bimeze mu bihe vya kera, icorohera abantu ni uko bemera ivyiyumviro n’imigenzo y’abantu bakabirutisha ijambo ry’Imana. Abo bose bashikiriza ukuri muri kino gihe ntibakwiye na gato kwitega kwakiranwa igishika cinshi ku ruta uko vyashikiye abagorozi. Intambara ihambaye hagati y’ukuri n’ikimyoma, hagati ya Kristo na Satani, izorushirizaho gukomera, mu gihe iyi si izoba iriko igenda ishika ku musozo.IB 106.1

    Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Iyo muba ab’isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutari ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka. Mwibuke rya jambo nababwiye nt’umushumba ntaruta shebuka; namba barampamye, namwe bazobahama; namba baritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.”(Yohana 15:19, 20) Ku rundi ruhande, Umwami wacu yaratangaje icese ati: “Muzobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw’ariko ba sekuruza babo bashemagiza abigira abavugishwa n’Imana.” (Luka 6:26) Muri kino gihe, isi ntiyifatanije na Kristo kuruta uko vyari bimeze mu bihe vya mbere; kandi abasigura ijambo ry’Imana badaciye i ruhande ntibazokwigera bakiranwa igishika kuruta uko vyari bimeze kera. Abarwanya ukuri bashobora kuzohindura ingene bakora, urwanko rushobora kutaboneka ku mugaragaro hakabaho ukwiyorobeka; ariko ayo makimbirane aracari ho kandi azokomeza kugaragara gushika kw’iherezo ry’ibihe.IB 106.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents