Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 8 - Lutherarengutswa Imbere Yintahei Worms

    Uwundi Mwami w’abami yitwa Charles wa Gatanu amaze kwima mu Budagi, intumwa z’i Roma zihutiye kumurungikira amakete yo kumukeza, bamuhendahenda ngo aze akoreshe ubukuru bwiwe mu kurwanya abayobozi b’Ubugorozi bw’idini. Ariko umutware umwe Electeur w’i Saxonie, ariwe yafashije Charles wa Gatanu kwimikwa, yamugiriye inama yo kutagira ic’agira Luther gushika aho bazomuhamagarira mu rubanza, bakamwumviriza. Uwo mwami w’abami ntiyari yorohewe, yari mu madidane: yarabuze umwifato agira. Ikintu gito co nyene cari kunezereza abayoboke ba Papa kwari ukubona umwami w’abami yoshinga itegeko ry’uko Luther yokwicwa. Ariko umutware w’intara ya Saxonie yari yavuze ashimitse yuko: “Dogiteri Luther yohabwa murekarengane, kugira ngo abe yorenguka imbere ya Sentare, imbere y’abacamanza b’abahinga, bakunda ivy’Imana kandi batagira uruhande bahengamiyeko.” (-DAubigne, b. 6, ch. 11)IB 106.3

    Abantu bose bo mu Budagi bari biteze inama nkuru y’abatware b’intara izobera mu gisagara ca Worms inyuma y’ukwimikwa kwa Charles wa Gatanu. Hariho ibintu bihambaye vyerekeye intwaro y’igihugu vyategerezwa kwihwezwa mur’iyo nama nkuru y’igihugu; yamara rero ivyo vyose vyaboneka ko ata kimazi bigereranijwe n’igikorwa ca Luther yihebeye Imana, c’i Wettenberg. Bwari bubaye ubwa mbere abaganwa bose b’abadagi bakoranira mu nama imwe n’umwami w’abami wabo yari amaze gusa igihe gito yimitswe, kugira ngo bafatire hamwe ingingo zimwe zimwe zijanye n’ibibazo vyariho ico gihe. Rero abanyacubahiro bo mw’ishengero hamwe n'abo mu gihugu bari batororokanye bavuye mu mihingo yose y’igihugu. Hariho abaganwa bo mu nda y’ingoma bakomakomeye cane kandi bishimira iteka batewe kubwo imiryango bavukiyemwo; hariho n’abashizwe hejuru ku bwo amabanga barangura mw’ishengero, bazi ko baruta abandi kubwo ikibanza barimwo n’ubushobozi bafise; hariho abanyacubahiro bagendera ku mafarasi n’ababagendaniye; hariho abanyamahanga bo hafi n’abakure baje baserukira ibihugu vyabo.. .bose bari bakoraniye muri ico gisagara c’i Worms. Ariko rero muri iyo nama yagutse ku buryo budasanzwe, ikintu cahavugwa cane cari ikibazo c’umugorozi w’i Saxonie.IB 107.1

    Ubwa mbere ho Charles wa Gatanu yari yasavye umutware w’intara ya Saxonie kuzana Luther muri sentare nkuru, asezerana ko bazokingira ubuzima bwiwe, maze agahabwa umuhinga umwe wo kuganira nawe ibintu bikuru bikuru vyazanye impari. Luther nawe yar’afise inyota yo kuzanwa imbere y’umwami w’abami. Amagara yiwe ntiyari yifashe neza ico gihe ariko yashoboye kwandikira umutware w’i Saxonie avuga ati: “Ni ntashobora kuja i Worms numva nkomeye, bazonjanayo naho ndwaye. Kuko nimba umwami w’abami ampamagaye, sinkekeranya na gato ko ari ijwi ry’Imana rimpamagaye. Nimba bafise umugambi wo kunyemeza ibintu bakoreshe inguvu, kandi birashoboka (kuko ntivyavuye kugushaka kwabo mu kumpa itegeko ryo kurenguka), ikibazo ndagishize mu maboko y’Imana. Umwe yakingira ubuzima bw’abasore batatu baterewe mw’itanure ry’umuriro ariho kandi araganje. Hamwe atonkiza, ubuzima bwanje ntibuhambaye rwose. Ni muze gusa dukingire ubutumwa bwiza abagizi ba nabi ntibabukengere; kandi ni muze twemere no kuba bosesa amaraso yacu kubwo ubutumwa bwiza mu gutinya ko ababi boronka intsinzi. Si jewe wo gufata ingingo nimba ukubaho canke ugupfa kwanje vyoshobora gutuma abantu bose baronka agakiza.... Murashobora kwitega ikintu cose kuri jewe...uretse gusa guhunga canke ukwisubirako. Sindota nohunga, ikitavuzwe co ni ukwihindukiza.( -Ibid., b. 7, ch. 1.)IB 107.2

    Aho inkuru yashika i Worms ko Luther ari burenguke imbere ya Sentare, abantu babaye nk’abikanguye mw’itiro. Aleander, intumwa idasanzwe Papa yari yagenye ngo imukurikiranire ico kibazo, yarataye umutwe, arashavura. Yabonye ko kurengutsa Luther icese imbere y’intahe bishobora kugira ingaruka mbi ku butegetsi bwa Papa. Kwongera kwumviriza umuntu kandi Papa yari yamaze gusohora itegeko rimugenera igihano ruhasha, kwari ukugwiza n’ubusa ubushobozi bw’uwo mw’Episkopi mukuru. Ikindi kandi, amakenga ntiyari abuze y’uko iyi mvuzi yari gushobora gukoresha ingingo zikomeye yashobora gufata maze bigatuma abaganwa batari bake bavavanura n’ubupapa. Vyatumye rero asaba ashimitse kandi anyarukije Umwami w’abami wa Gatanu, Charles, ngo ntiyemere yuko Luther arenguka imbere y’intahe. Ico gihe ikete rya Papa ryavuga ko Luther yaciwe mw’ishengero gatolika ryari ryamaze gusohoka. Kubera iryo kete hamwe no kubwo kurungika umuntu aserukira Papa, Umwami w’abami yaciye yemera iyo mpanuro Aleander amuhaye. Yaciye yandikira umutware w’intara ya Saxonie ko nimba Luther abona ko atazokwivuguruza ko akwiye kwigumira i Wittenberg.IB 108.1

    N’aha nyene, iyi ntsinzi ntiyashimishije Aleander, yakoresheje ubushobozi bwose afise kugira ngo Luther acirirwe urubanza. Yarashimitse nk’uko yoba ariko aravugira ikintu ciza, maze aragiriza Luther imbere y’abaganwa, abanyacubahiro mw’ishengero hamwe n’abandi bajenama ko “yiyonkoye, yagumutse, yuzuye ikibi kandi yarogose.” Ariko umwete n’umwitw'arariko iyo ntumwa ya Papa yari ifise mu kwagiriza Luther vyerekana ku buryo bugaragara agatima kariko karamusunika ako ari ko. Ikintu cagaragarira bose n’uko “urwanko n’agatima ko kwihora ari vyo vyamusunika” aho kuba ishaka hamwe no gukunda ivy’Imana” (Ibid., b. 7, ch. 1.) Abantu benshi bari baje kwumviriza uko Luther yiregura barushirijeho kwemera inyigisho ziwe gusumba uko vyahora.IB 108.2

    Aleander ntiyarekeye ng’aho, yarushirijeho gusaba Umwami w’abami ngo ashire mu ngiro ivyipfuzo vya Papa kuri Luther. Ariko ivyo ntivyari vyemewe n’amategeko agenga Ubudagi: ntivyari gukorwa abaganwa bose batavyemeye. Ariko kubwo kugoberwa n’iyo ntumwa ya Papa, Charles wa Gatanu yahavuye amwemerera gushikiriza ico kibazo imbere ya Sentare. “Wari umusi uhambaye kuri iyo ntumwa ya Papa. Ryari ikoraniro ridasanzwe kuko n’icari kibakoranije cari ikintu kidasanzwe. Aleander yategerezwa kuvugira Ishengero ry’i Roma, umuvyeyi n’umugabekazi w’amashengero yose.” Yategerezwa gukomoza ubukuru bwa Petero mweranda imbere y’abo banyacubahiro bose bari baje baserukira Ishengero rukristo.” Kubera yuko yari asanzwe afise impano yo kuba yarakuwe ivata, yarahagurutse arerekana akoresheje ubuhinga ico ashoboye. Umwe ata kintu kirengana atakizi yari yagenye ko Ishengero ry’i Roma rikwiye guserukirwa imbere y’abacamanza babushitse n’umwe mu bavugizi baryo adahobahoba, imbere y’uko baricira urubanza.” (Wylie, b. 6, ch. 4.) Abagenzi ba Luther ntibabuze guterwa amakenga n’ivyashobora gushika ku bw’ivyo Leander yari ahejeje gushikiriza. Umutware w’intara ya Saxonie siho yari, ariko kubwo inama yari yatanze, bamwe mu bahanuzi biwe bari baserutse kugira ngo bashobore kugira icegeranyo c’ivyo iyo ntumwa ya Papa yari kuvuga.IB 108.3

    Akoresheje inguvu zose ahabwa n’ubumenyi hamwe n’ururimi rugoborotse, Aleander yahagurutse arondera gukumira ukuri. Yaregeranije ikirego ku kindi maze yagiriza Luther y’uko ari umwansi w’ishengero n’uw’igihugu; umwansi w’abakiri bazima hamwe n’abamaze gupfa, umwansi w’abavugiramana hamwe n’uw’abizera muri rusangi, umwansi w’abahanuzi hamwe n’uw’abandi bantu bose bafise ukwizera. Yavuze y’uko mu “makosa ya Luther harimwo ibirego bikwiye vyotuma abantu ibihumbi amajana bakurikiye inyigisho ziwe baturirwa.”IB 108.4

    Mu gusozera yakoze uko ashoboye kugira ngo yereke abahisemwo kwemera inyigisho za Luther ko abakengereye: “Abo bayoboke bose ba Luther ni bande? Si akarwi k’abigishwa b’imburabwenge, abapatiri bataye umurongo, abamonaki baciwe batakiri mw’ishengero, abashikirizamanza b’ibijuju n’abo mu nda y’ingoma bambuwe iteka bahorana, hamwe n’abantu basanzwe batesheje umurongo bakabahubisha. Mbega ukuntu ku ruhande rw’abagatolika hariho abantu benshi, bashoboye kandi bazi ubuhinga! Ingingo yemejwe n’iri koraniro ridasanzwe izotuma aboroheje baronka umuco, igabishe abisamaza, igondoze abakekeranya kandi ikomeze abafise intege nke” (DAubigne, b. 7, ch. 3.)IB 109.1

    Ivyo ni vyo birwanisho vyakoreshejwe mu bihe vyose mu gusagiriza abashingira intahe ukuri. Ni na vyo bikoreshwa n’ubu mu guca intege uwo wese ahirahira agashikiriza ku buryo butagabanije kandi butumbereye, inyigisho z’ijambo ry’Imana zivuguruza ikinyoma catsimbatajwe. Abipfuza idini rurangiranwa biyamamura bavuga bati: “abo bantu bazanye inyigisho nshasha ni bande?” ” Ni abantu bari ku rushi, batize kandi bava mu miryango ikenye. Ariko ivyo ntibibabuza kuvuga ko bafise ukuri kandi ko ari ubwoko bwatoranijwe. Ni ibijuju kandi baribesha. Mbega ukuntu ishengero ryacu rihambaye kubwo kuba rifise abantu benshi n’ubwaku bukomeye! Mbega ukuntu dufise abantu baminuje bo mu rwego rwo hejuru ? Mbega ukuntu mu ruhande rwacu hariho ubushobozi ! » Izi ni zo ngingo zifise ubwaku kw’isi; ariko nk’uko vyashitse mu gihe c’ubugorozi, no muri kino gihe sizo kirumara.IB 109.2

    Ubugorozi ntibwahagarariye kuri Luther nk’uko benshi bavyibaza. Butegerezwa kubandanya gushika aho amateka y’iyi si azohagararira. Luther yari afise igikorwa gihambaye co gukora mu gushikana ku bandi umuco yari yahawe n’Imana. Kandi n’aho nyene ntiyaronse umuco wose utegerezwa guhabwa isi. Kuva ico gihe gushika ubu, umuco wakomeje kumurika ku buryo bushasha uvuye mu Vyanditswe vyera, kandi ukuri abantu batari bwamenye kwarakomeje guhishuka.IB 109.3

    Amajambo y’iyo ntumwa ya Papa, yaratangaje rwose abari muri iyo Sentare. Luther siho yari ngo ahangane n’uyo muvugizi w’Umwepiskopi mukuru i Roma, akoresheje amajambo yumvikana kandi agaragaza ukuri kw’ijmbo ry’Imana. Nta muntu n'umwe yashoboye guseruka ngo avugire Luther. Ahubwo vyaragaragaye ko abantu bose bari biteguye, uretse gusa kumucira urubanza we ubwiwe hamwe n’inyigisho yatanze; ahubwo bibashobokeye bari no kurandurana n’imizi inyigisho ziwe. Ishengero ry’i Roma ryari ryaronse akaryo keza ko kwiburanira ryerekana aho rihagaze. Ikintu cose ryashobora gushikiriza ryisigura ryari ryagishikirije. Ariko iyo ntsinzi ryasa nk’uko rishitseko wamenga ngo ni ikimenyamenya c’uko rineshejwe. Ubudasa hagati y’ukuri n’ikinyoma bwari bugiye kugaragarira bose ku buryo budasubirwako; ukuri n’ikinyoma vyari bigiye guhangana. Guhera uyo musi, Ishengero ry’i Roma ntiryari rigiye kuzokwongera guhagarara ryumva ko rinogewe nk’uko vyari vyagenze uyo musi.IB 109.4

    Mu gihe abantu benshi mu bari bashashe muri iyo Sentare batari gukekeranya hamwe bari kuba basabwe gutanga Luther ngo Ishengero ry’i Roma rironke akaryo ko kumuhana; igitigiri kitari gito muri bo barabona kandi ntibishimira ingene mw’ishengero ibintu vyayangaye. Bipfuza ko hohagarikwa vuba amarorerwa akorerwa abanyagihugu bo mu Budagi kubwo ugutituka kw’imigenzo myiza hamwe no kwipfuza ibihimbaro vy’isi kw’abari mu nzego nkuru z’ishengero. Intumwa ya Papa yari yakoze ivyo ishoboye vyose kugira ngo itegeko ryiwe riboneke neza. Ariko rero ico umuntu wese atari yiteze n’ico cashitse : Umukiza yakoreye mu mutima w’umuntu umwe mu bari muri iyo ngoro maze yumva agoberewe no guhaguruka ngo agaragaze ukuntu abantu bohendwa babona kubera ubutware bw’igikenye bw’ubupapa. Umuganwa Georges w’i Saxonie yarahagurutse muri iryo koraniro ryari ryahuje abo munda y’ingoma bose, maze arerekana ashimitse, ku buryo butomoye, ikinyoma n’ububegito ubupapa bwinyegeza inyuma; hamwe n’ingaruka mbi zavyo. Aya ni yo majambo yavuze mu gusozera:IB 109.5

    « Hariho ibikorwa biteye isoni vyagirizwa Ishengero ry’i Roma. Ukumaramara babishize ku ruhande, ikibaraje ishinga ni kimwe gusa.. .amafaranga, amafaranga, amafaranga... ku buryo abasiguzi bari bakwiriye gushikiriza ukuri kw’ijambo ry’Imana ata kindi bakimenyekanisha uretse ibinyoma. Ntibabihanganira gusa iyo bariko barakora ibintu nk’ivyo, ahubwo baranabashimira; kuko urusha abandi gushikiriza amajambo y’ububeshi ni nawe ashimirwa gusumvya abandi. Muri iri riba rihumanye ni ho hava aya mazi yanduye. Ubusambanyi bufatanije n’agatima ko kwingungirako.... Ego, ibara rikuruwe n’abavugiramana ni ryo rikwegera imitima myinshi ikenye mu gihano c’ibihe vyose. Muri rusangi, ubugorozi burakwiriye gushinga imizi.(-Ibid., b. 7, ch. 4.)IB 110.1

    Luther ubwiwe ntiyari gushobora gutunga urutoke ububegito bw’ubupapa kurusha icagirizi gikomeye kandi cumvikana cari gihejeje gushikirizwa. Kandi kubera yuko umuganwa Georges yari umwansi wa Luther, ivyo vyatumye amajambo yiwe agira ubwaku buhambaye ku bayumvise.IB 110.2

    Abari bakoraniye ng’aho iyo baza kugira amaso akanura, bari kwibonera abamarayika bicaranye n’abo baca ibibatsi kubwo umuco wariko urakaka weyura umwiza w’amakosa kandi wugurura ubwenge n’imitima vy’abantu ngo bakire ukuri. Ubushobozi n’ubwenge vy’Imana y’ukuri ni vyo vyari vyifatiye mu minwe abo bansi b’ubugorozi. Uko ni ko inzira y’igikorwa gihambaye cari kigiye kurangurwa yariko iracibwa. N’ubwo Maritino Luther atariho yari, ariko ijwi rya wa wundi ahambaye kurusha Luther ryarumvikaniye muri iryo koraniro.IB 110.3

    Iryo koraniro ryaciye rishinga, ubwa mbere, umurwi ujejwe kugira icegeranyo c’ibikorwa vyerekana ingene ubupapa bukandamiza kandi bukaremera abanyagihugu mu Budagi. Urwo rutonde rwariko ivyagirizo bigera mw’ijana na kimwe rwaciye rushikirizwa Umwami w’abami, banamusaba yuko bitarinze guteba yofata ingingo zo gukosora ayo marorerwa. Abashikirije urwo rutonde bavuga bati : « Mbega ukuntu twatakaje imitima y’abakristo, mbega ugusubira inyuma kw’abantu, mbega ukunyagwa kubera ibintu vy’ibiterasoni vyaranze abarongozi mu vya Mpwemu! Ni twumve yuko ari igikorwa cacu ko dukwiye gukingira ubwoko bwacu uguhona hamwe n’ubumaramare. Kubw’iyi mpamvu, turaciye bugufi ariko dusaba twinginga, yuko hoshingwa itegeko rirarikira abantu bose kwijukira ubugorozi kandi hakagenzurwa yuko ryashizwe mu ngiro. »(-Ibid., b. 7, ch. 4.)IB 110.4

    Inama yasavye ko Luther, ubu noneho, yorenguka imbere yayo. Umwami w’abami ntiyabaye akiraba ugutukana, ukwiregura hamwe n’iterabwoba vya Aleander; yahavuye mu nyuma yemeranya nawe maze atanga itegeko rihimiriza Luther kurenguka imbere ya Sentare. Ariko hamwe n’ivyo, yamurungikiye murekarengane imwizeza ko atakizomubuza kuja aho yumva umutekano wiwe utazoba ubangamiwe. Intumwa y’Umwami w'abami ni yo yari yajanye izo nzandiko zibiri i Wittenberg. Ni nayo yari yahawe n’ububasha bwo kuzana Luther i Worms.IB 110.5

    Incuti za Luther zaratangaye, zigira ubwoba. Kuberako bari bazi ingene abo bantu banka Luther, ntibashimye kwemera iryo kete ry’inzira, baraheza bamugira inama yo kutiyadukiza ngw’asuke ubuzima bwiwe mu ruriba. Mu kubishura, yababwiye ati: “Intumwa za Papa ntizigomba ko nja i Worms, ahubwo bagomba ko mpfa. Yamara ntaco bitwaye. Ntimunsengere ubwanje, ahubwo musengere ijambo ry’Imana... Kristo azondonsa Mpwemu wiwe kugira ngo anshoboze gutsinda abo bakozi b’umwiza. Abo bantu sindaberekwa mu buzima bwanje, naho nopfa; nzobagirako intsinzi. I Worms ntibakiryama, barondera hasi hejuru ingene bondemera ngo nisubireko kandi uku ni kwo kuzoba ukwivuguruza kwanje: narigeze kuvuga aho hambere hashize ko Papa ari icariho ca Kristo; ubu rero ndababwiye ko Papa ari umukeba w'Umwami wacu, kandi ni intumwa y’Umurwanizi.” (-Ibid., b. 7, ch. 6.)IB 111.1

    Luther ntiyari kwifatana urugendo wenyene. Uretse umuntu yari yagenywe n’Uwami w’abami ngo amuherekeze, hariho n’abagenzi biwe batatu bafashe ingingo yo kujana nawe. Melanchthon yumvise agoberewe kwifatanya na bo. Umutima wiwe wari warahuje n’uwa Luther ku buryo yumva akwiye kumukurikira mbere bibaye nkenerwa akaba yofunganwa nawe, canke agapfa. Ariko ivyipfuzo vyiwe ntivyubahirijwe. Mu gihe vyari gushika Luther akazimanganywa, ivyizigiro vy’ubugorozi vyari gusigara vyubakiye kuri uyu mufasha wiwe yari akiri muto. Rero igihe Luther yagira atandukane na Mela nchthon, aya ni yo majambo yavuze: “Hamwe abansi banje bonyica singaruke, urabandanye wigisha kandi ushishikare guhagarara mu kuri. Uze unkorere mu ngata.. .Hamwe woba urokotse nta kintu gihambaye bazoba bashitseko mu kunyica.”(Ibid., b. 7, ch. 7.) Ayo majambo yarakoze ku mutima abanyeshure hamwe n'abanyagihugu bari bakoranijwe no gusezera Luther. Abantu benshi imitima yabo yari yamaze kwakira ubutumwa bamusezeye bafise amarira mu maso. Uko ni ko Luther ari kumwe n’abagenzi biwe, batanguye urugendo basohoka i Wittenberg.IB 111.2

    Ku nzira aho baca, vyaribonekeza ko abantu bagenda barengana babona bahanzwe n’ivyiyumviro bitaremesha. Mu bisagara bimwe nta n’ubwo berekana ko banejerejwe no kumwakira. Bageze ahantu hamwe basavye indaro, umugenzi wiwe umwe w’umupatiri yaramweretse ko afise ubwoba aho yamwereka isanamu y’umugorozi w’umutaliyano, Savonarole, yari yarabaye umumaratiri. Ku musi wakurikiye, barabwiwe ko inyandiko ya Luther baziciriye urubanza i Worms. Abantu barungitswe n’Umwami w’abami bagenda bamenyekanisha hose ibwirizwa yasohoye rihamagarira abanyagihugu gushira abacamanza n’abatware babo ivyo bitabo bari bamaze gucira urubanza. Intumwa y’Umwami w’abami yari yaherekeje Luther yaragize amakenga, ibona ko umutekano wa Luther muri iyo nama utazoba uhagije, yiyumvira mbere ko Luther yoba atagishimitse ku mugambi yari afise, yaramubajije nimba agitsimbataye ku ciyumviro co kubandanya urugendo. Inyishu ya Luther yabaye iyi: “N’aho bonyiyamiriza mu gisagara cose, ntegerezwa kubandanya urugendo”. (Ibid., b. 7, ch. 7.)IB 111.3

    Mu gisagara c’i Erfurt, Luther yakiranywe icubahiro. Abantu isinzi baraje kumushengerera, baramugendanira, aho yariko ararengana mu mayira yari yaramenyereye gucamwo afise umufuko ariko asabiriza. Yarafashe akanya aragendera icumba yabamwo muri ico kigo, aca yibuka ibihe umutima wiwe waciye mu ntambara y ‘amadidane aho umuco wamurikira ubudagi wanamurikira n’umutima wiwe. Baramugobereye ngo abasigurire. Ivyo ntiyari yemerewe kubikora; ariko iyo ntumwa y’Umwami w’abami yari k inn we nawe yarabimurekuriye, maze umumonaki bari bamenyereye kubona akora muri ico kigo, babona ahagaze ku ruhimbi, atangura gusigura.IB 112.1

    Abantu ba nyarucari bari bakoranye kumwumviriza yababwira amajambo ya Kristo: “Amahoro abe kuri mwebwe!” Yavuze ati: “Abahinga mu kwiyumvira, abantu baminuje mu bumenyi, abandi rurangiranwa...bagize ishaka ryo kwigisha abantu ingene bashobora gushikira ubuzima buhoraho, bibata ku w’amazi. Ubu ngomba ndabibabwir/e. Imana yazuye mu bapfuye umuntu umwe, Umwami Yesu Kristo, kugira ngo ashobore kuzimanganya urupfu, akureho icaha kandi yugare amarembo y’i kuzimu. Iki ni co gikorwa c’agakiza! Kristo yaranesheje! Iyi ni yo nkuru nziza inezereje, kandi twakijijwe kubwo igikorwa ciwe, ntitwakijijwe kubwo ibikorwa twakoze.... Umwami wacu Yesu Kristo, yaravuze ati: “amahoro abe kuri mwebwe; ni murabe ibiganza vyanje! Ni nk’uko yariko aravuga ati: raba ni jewe, ni jewe jenyene nahanaguye ivyaha vyawe kandi ndagucungura; ni co gituma ubu ufise amahoro”; ni ko Umwami avuga.IB 112.2

    Yabandanije yerekana y’uko ukwizera nyakuri kugaragazwa no kubaho mu bweranda. “Kubera y’uko Imana yadukijije, ni muze dutunganye ibikorwa vyacu kugira ngo bibe vyokwemerwa imbere y’inyonga zayo. Woba uri umutunzi? Ivyo utunze n’ubikoreshe kugira ngo ugarukire ku bakene. Woba uri umukene? Ibikorwa vyawe ni bibere ingirakamaro abatunzi. Nimba ivyo ukora ata wundi bigirira akamaro uretse wewe wenyene gusa, nta gikorwa uriko urarangurira Imana, uri umubeshi gusa.”(Ibid., b. 7, ch. 7)IB 112.3

    Abantu baguma bamuteze amatwi. Umutsima w’ubugingo wariko uramanyagurirwa imitima yishwe n’inzara. Imbere yabo, Kristo yashizwe hejuru y’aba Papa n’intumwa zabo, abami hamwe n’abaganwa. Luther ntiyigeze acishamwo ingene ari mu bihe ubuzima bwiwe bwoba bubangamiwe gusumvya mu bindi ibihe. Ntiyigeze arondera gutera akagonwe abariko baramwumviriza canke ngo atuma bamwiyumvirako. Mu gutumbereza amaso yiwe kuri Kristo, yari yiyibagiye. Yinyegeje inyuma y’umuntu w’i Kaluvari, arondera gusa kumenyesha Kristo nk’umucunguzi w’umunyavyaha.IB 112.4

    Luther yarabandanije urugendo rwiwe. Aho yarengana hose, abantu baramutangarira. Abantu isinzi bipfuza kumubona barashwabaduka kandi bakamumenyesha ka bugenzi imigambi abayoboke ba Papa bamufitiye. Bamwe wumva bamubwira ngo: “Bazoguturira, umubiri wawe bawuhindure umunyota nk’uko vyashikiye Yohana Huss.” Luther nawe yabishura ati: “Naho bodomeka umuriro ku nzira uhereye i Worms gushika i Wittenberg, umuriro ufise imbeya zishika mw’ijuru, nzowucamwo ndengane mw’izina ry’Umwami; nzorenguka imbere yabo, nzokwinjira mu kanwa k'urwo rumizi rw’abantu menagure amenyo yarwo, nshingira intahe Yesu Kristo.”(Ibid., b. 7, ch. 7.)IB 112.5

    Inkuru y’uko yegereje gushika i Worms yatumye abantu basa nk’uko bikanguye mw’itiro barimwo. Mu gihe abagenzi biwe bajugumizwa n’umutekano wiwe, abansi biwe bo batewe ubwoba n’uko ico bariko baharanira boshobora gusanga ata shingiro gifise. Harakozwe ibishoboka vyose kugira bamwumvishe ntiyinjire mu gisagara. Abapatiri batanze inama y’uko yoshikira mu nyubakwa y’umuntu amenyekana ashigikiye inyigisho ziwe, aho bamubwira ko ingorane zose bazozicarira bakazitorera umuti ka bugenzi. Incuti ziwe zaragerageje kumutera ubwoba mu kumwereka ko imbere hari ingorane zikomeye, ariko zirananirwa. Luther ntiyagize ubwoba ngo izo nkuru zimutere guhugumba, ahubwo yavuze icese ati: “Naho i Worms hoba hariho amadayimoni menshi yoba angana n’amategura asakaye inzu, sinzoreka kwinjira mu gisagara.”(-Ibid., b. 7, ch. 7.)IB 113.1

    Amaze gushika i Worms, abantu baje ku bwinshi ku musanganira kw’irembo ry’igisagara. Bari benshi cane kuruta abahora baza gusanganira Umwami w’abami ubwiwe. Hagati muri bo, warabona ko bashuhiranye. Harumvikanyeyo ijwi rigaragara kandi risa nk’iryidoga ririmba indirimbo y’abapfuye, rigabisha Luther ku bimurindiriye. Mu gihe yariko arururuka mu ngendeshwa yari yaje i mureruye, yishuye avuga ati: “Imana ni yo izonkingira”.IB 113.2

    Abayoboke ba Papa ntibiyumvira ko Luther ashobora vy’ukuri kuza i Worms; ni co catumye babura amahoro, bagwa mu gahundwe, bumvise ngo yashitse. Umwami w’abami yaciye atumako adatevye abahanuzi biwe kugira ngo barabire hamwe uruhande bari buhengamireko. Umwe mu ba Episkopi bari ngaho, intagondwa yari ishigikiye ubupapa, yaciye yihutira kuvuga ati: “Ico kibazo twaragihaririye kuva kera. Ahubwo Mwami w’abami, Nyakwubahwa, raba ingene wokwikiza hakiri kare uyu muntu rimwe na rimwe. None Sigismund ntiyatanze uruhusha Yohana Huss agaturirwa? Ntibikenewe kwumva ko tugoberewe gutanga canke kwubahiriza murekarengane y’umwigisha w’ibinyoma.” Umwami w’abami ntiyashigikiye ico ciyumviro, yavuze ati: “Dutegerezwa kwubahiriza isezerano twatanze.”(-Ibid., b. 7, ch. 8 ) Haciye rero hafatwa ingingo yuko Luther yokwumvirizwa.IB 113.3

    Igisagara cose cumva kigoberewe no kubona uyo muntu adasanzwe. Bidatevye, ingenzi zaraje zivuye hirya no hino kumuraba mu nzu yari yashikiyemwo. Yari akiri umugwaruke kandi akirushe kubera urugendo rurerure rwari rumaze indwi zibiri zose, kandi yitegurira kurenguka imbere y’intahe bukeye bw’aho; yari akeneye akaruhuko hamwe no kuba ahantu hatekanye. Ariko abantu baronderana igishika cinshi kumubona ku buryo yaronse amasaha make gusa yo kuruhuka kuko abaganwa, abantu bamenyekana, abapatiri n’abanyagihugu, baciye bakoranira aho yari yashikiye. Abenshi muri bo bari abantu bigeze gusaba Umwami w’abami ko hobaho ubugorozi bwohindura amarorerwa yari asigaye ari mw’ishengero, kandi nk’uko Luther yabivuze “abo bose bahawe ukwidegemvya ku bwo ubutumwa nabashikirije.”(Martyn, page 393.) N’abansi biwe nabo nyene baraje co kimwe n’abagenzi biwe, kuraba uwo mumonaki w’inshigwarimenetse. Yabakiriye mu bwitonzi adahugumba, yishurana iteka n’ubwenge ibibazo bamubaza. Yerekana imyifato y’ubutwari no kwumira kw’ijambo ry’ukuri. Mu maso hiwe hari hijiriwe kubera ibihe bigoye n’uburwayi vyari vyamushikiye, ariko amajambo yamusohoka mu kanwa yari yuzuye umunezero. Amajambo atyoroye kandi yiyumviriwe neza yashikiriza, yamuhaye ubushobozi n’abansi biwe batashobora gukekeranya. Abansi n’abakunzi bose baramutangarira. Bamwe baravuga ko ubushobozi bw’Imana bwamwihanzemwo; abandi nabo bavuga nk’abafarisayo mu gihe ca Kristo: “Afise umudayimoni.”IB 113.4

    Ku musi wakurikiye, Luther yasabwe kurenguka imbere ya Sentare. Hariho intumwa y’Umwami w’abami yari yagenwe kugira ngo imushikane mu cumba bari bumwumviririzemwo, ariko ntabwo vyamworoheye gushika muri ico kibanza. Ahantu hose ku nzira hari huzuye abantu bipfuza kubona uwo mu monaki yanse guca bugufi imbere y’itegeko rya Papa.IB 114.1

    Mu gihe hari hasigaye gato ngo arenguke imbere y’abacamanza; umusoda mukuru w’umukukuruke, yari yarabaye umuhizi ku rugamba igihe kirekire, yamubwiye nk’umugenzi ati: “Wa mumonaki ugowe, wa mumonaki ugowe; raba ugiye guhagarara ushikamye kuruta ingene vyanshikiye, mbere no kurusha umusirikare wese w’intwari yoba yarabonetse ku rugamba rwoba rwararushize izindi gusesa amaraso. Ariko rero, nimba ico uhagarariye ari ukuri kandi ukaba uvyemera uko, shishikara utere imbere mw’izina ry’Imana kandi ntugire ikintu na kimwe utinya. Imana ntizogutererana.(DAubigne, b. 7, ch. 8.)IB 114.2

    Hanyuma, Luther yahagaritswe muri Sentare. Umwami w’abami yari avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami. Yari akikijwe n'abanyacubahiro bo mu rwego rwo hejuru mu gihugu. Nta muntu n’umwe yari bwahagarare muri Sentare itangaje nk’iyo Luther yari ahagazemwo ng’aburanire ukwizera kwiwe. “Kugira ngo aboneke atyo muri Sentare cari ikimenyetso c’inganji y’ukuri kw’Imana. Kugira ngo umuntu yamaze gucirirwa urubanza na Papa yongere kuburanira mu yindi Sentare cari ikintu cerekana ko ubutegetsi bwa Papa bwari buhinyutse. Papa yari yaramwatse ijambo, amugira igicibwa mu gihugu, ariko raba bari bamusavye bamwubashe ngo arenguke muri Sentare kandi yari agiye guhagarara imbere y’ikoraniro rihambaye mw’isi yose. Itegeko rimubuza kuvuga lyari ryavuye i Roma, ariko raba yemerewe kuvugira imbere y’abantu isinzi bavuye mu bihugu vyose rukristo. Luther yari yahindutse nk’igikoresho cari catumye habaho ihinduka ridasanzwe. Ubutware bwa Papa bwariko burakugwa ku ntebe y’inganji, kandi ivyo vyose kubera gusa ijwi ry’umumonaki ryamucishije bugufi.”(-Ibid., b. 7, ch. 8.)IB 114.3

    Luther yahagaze imbere y’iryo koraniro ry’abanyacubahiro n’abategetsi bakuru b’isi yitonze kand’atekereje, ariko adidaniwe. Abaganwa atari bake baravye ikigumbagumba yari afise, baramwegereye maze umwe muri bo aramwongorera ati: “Ntutinye abashobora kwica gusa umubiri ariko badashobora guhonya umushaha.” Uwundi yarunganiye avuga ati: “Ni wamara kurengutswa imbere y’abaganza n’abami kubw’izina ryanje, uzoronswa na Mpwemu avuye kwa Data, ico ukwiriye kuvuga”. Uko ni ko amajambo ya Kristo yashikirijwe n’abantu bahambaye bo muri iyi si kugina ngo bakomeze umukozi wayo mu bihe vy’amakuba yariko aracamwo.IB 114.4

    Luther bamurengukanye imbere y’aho umwami w’abami yari avyagiye. Muri ico cumba abantu bari bakoraniyemwo habaye agacerere kadasanzwe. Inyuma y’aho, intumwa y’umwami w’abami yavuye hasi, itunga urutoke inzandiko za Luther aho bari bazegeranirije, maze ica imusaba ko atanga inyishu ku bibazo bibiri: yamubajije nimba yemera ko ari inyandiko ziwe, canke nimba yemera kwisubirako akihakana ivyiyumviro bikuru bikuru biboneka muri izo nyandiko. Bamaze kumusomera amazina y’ivyo bitabo yanditse, Luther yaciye abishura yuko ku bijanye n’ikibazo ca mbere bamubajije, ivyo bitabo yemera yuko ari rwiwe. Yabandanije avuga ati: “Ku vyerekeye ikibazo ca kabiri, kubera yuko ari ikibazo cerekeranye n’ukwizera hamwe n’agakiza k’abantu; ivyo ijambo ry’Imana, ryo butunzi bw’agaciro gakomeye kandi buhambaye mw’isi no mw’ijuru ryitwararika, noba nkoze nk’imburabwenge hamwe nocishura ntabanje kwiyumvira. Wosanga nishuye bike ku vyo iki gihe gisaba kumenya canke nkarenza ku vyo ukuri kwemera, ugasanga rero nkoze icaha ugereranije n’amajambo Yesu yashikirije: “Umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru”. (Matayo 10:33) Kubera iyo mpamvu ndagukomeye ibobo mwami w’abami nyene icubahiro, nicishije bugufi, undonse umwanya kugira ngo nishure ico kibazo ntahushanije n’ijambo ry’Imana”. (D’Aubigne, b. 7, ch. 8.)IB 114.5

    Luther yerekanye ubwitonzi n’ubwenge mu gusaba umwami w’abami ko yomuronsa umwanya akiyumvira ku nyishu ari butange. Abantu bose bari ng’aho babibonye barabishimye, batahura ko adakoreshejwe n’ikigumbagumba canke igihababu. Ukwo gutekereza hamwe n’ukwifata abantu bose bataziga ku muntu yari yamaze kwerekana yuko adashobora gutirimuka ku vyo yemera kandi ko ata kintu kiriho yobikaba na vyo, vyamwongeye inkomezi, mbere binamushoboza mu nyuma kwishurana ubwitonzi, ingingo zumvikana, ubukerebutsi n’iteka vyatangaje rwose abakeba biwe, bituma babura ico bafata n’ico barekura, bica biba icagirizi ku kutamenya no ku kwibona kwabo.IB 115.1

    Bukeye bw’aho, yategerezwa kurenguka ngo atange inyishu ya nyuma. Harabayeho umwanya yumvise umutima wiwe umwiyatse mu gihe yabona inguvu zari zashizwe hamwe ngo zirwanye ukuri uko zangana. Ukwizera kwiwe kwarakabiranye; yarafashwe n’ubwoba, aradegedwa, arengwa n’akababaro. Imitego yarushiriza kwongerekana imbere yiwe: abansi biwe babona ko intsinzi bayifise mu minwe. Hari hasigaye gato ubushobozi bw’umwiza bugatsimbatara. Ibicu vyaramwugarije gushika n’aho yibaza ko yatandukanye n’Imana. Ariko ntiyatirimutse kw’isezerano ntabanduka k’Uhoraho nyene ingabo azogumana nawe. Yarambaraye hasi n’umutima utuntuye maze acura intimba akoresheje akaborogo ata wundi muntu yogatahura uretse Imana yonyene.IB 115.2

    Yakomye ibobo avuga ati: “Nyene ubushobozi kandi Mana yamaho, mbega ukuntu iyi si igoye. Raba yuguruye akanwa kayo ngo intsontsomere, none ivyizigiro vyanje muri wewe vyahungabanye. Hamwe mu nkomezi z’iyi si honyene ariho noba mfise ho gushira ivyizigiro vyanje, akanje koba kabaye.... Isaha yanje ya nyuma yashitse; namaze gucirirwaho iteka....Mana ubufasha bwawe ni bunkize ubwenge bwose bw’iyi si. Ni ubikore... wewe wenyene... kuko iki gikorwa si icanje ni icawe. Nta kintu na kimwe mfise co gukora hano, nta n’ico mfise ngo mbe nohaririza abahambaye bo kuri iyi si... Ariko igikorvva ni icawe.. .kandi kiratunganye kandi ni ico ibihe vyose. Mwami, mfasha. Mana idahinduka kandi yizigirwa, ivyizigiro vyanje nta handi ndabishize uretse muri wewe.. ..Umuntu si uwo kwizigirwa kandi ibiva ku muntu vyose birasendwa.... Wantoranirije iki gikorwa.... Ni uhagarare ku ruhande rwanje ku bwa Yesu Kristo ukunda; ni we amburanira, ni we nkizo yanje, ni we gitandara gikomeye.” (Ibid., b. 7, ch. 8.)IB 115.3

    Imana mu bumenyi bwayo bw’ibintu vyose imbere yuko biba yari yashoboje Luther kubona yuko ageramiwe; ko adakwiriye kwizigira inkomezi ziwe maze ngo yisuke mu ngorane nk’imburabwenge. Ariko n’ubwo vyari bimeze uko, icamutera gutinya si umubabaro yashobora gucamwo, si ugucunaguzwa canke kwicwa biboneka ko vyari bimuhanze.. .ivyo si vyo vyari vyamurengeye ngo bimutere ubwoba. Yari yashitse ahantu abona koko ko yinjiye mu ngorane kandi yariyumvamwo ko adashoboye kuzihanganira. Kubera intege nke ziwe, ukuri yariko araharanira kwari gushobora kubangamirwa. Rero icatumye yinginga Imana ashimitse ntikwari ukwironderera umutekano ku giti ciwe, ariko kwari ukugira ngo ubutumwa butsimbatare, buronke intsinzi. Nk’uko vyashikiye Yakobo muri rya joro ari iruhande y’umugezi Yaboki, ni nako nawe umutima wiwe wan uremerewe n’akabonge kandi udidaniwe. Nk’uko vyashikiye Isirayeli, yaranyinyuranye n’Imana aratsinda. Kubwo ukwiyumvamwo intege nke, ukwizera kwiwe kwumiye kiiri Kristo umucunguzi w’ubushobozi. Yarakomeje no kwumva yuko adashobora kurenguka wenyene imbere y’intahe. Amahoro yaragarutse mu mutima wiwe maze anezezwa no kuba atewe iteka ryo kurekurirwa gushingira intahe ijambo ry’Imana imbere y’abahawe kuganza amahanga.IB 115.4

    Yakomeje gutumbereza amaso yiwe ku Mana maze bituma yitegurira urugamba rwari rumurindiriye. Yariyumviriye ingene ari butunganye inyishu yari gutanga, arasuzuma ibisomwa yari yakoresheje mu vyo yanditse, maze atoranya mu Vyanditswe vyera ibimenyamenya ntabanduka yubatseko inyigisho ziwe. Yaciye arambika ukuboko kwiwe kw’i bubamfu kuri Bibiliya yuguruye yari imbere yiwe, maze ukuboko kwiwe kw’i buryo agutunga mw’ijuru, maze “asezerana kutazokwigera adohoka ku butumwa bwiza, kandi ko atarinze kugoberwa n’umuntu n’umwe, azokwemanga ukwemera kwiwe, n’aho vyomusaba ko ubuzima bwiwe buzimanganywa kubw’ico gishingantahe.”(Ibid., b. 7, ch. 8.)IB 116.1

    Aho yongera kurengutswa imbere ya Sentare, vyaraboneka ko afise amahoro mu mutima, nta bwoba canke ukuburanirwa vyamugaragarako. Yari agahore, atekereje, ariko afise ubutwari n’ubupfura; yahagaze nk’icabona c’lmana imbere y’abahambaye kuri iyi si. Ya ntumwa y’Umwami w’abami yarongeye iramubaza nimba noneho yamaze gufata ingingo ntabanduka ku nyishu yo gutanga ku kibazo yabajijwe “nimba yipfuza kwisubirako akavavanura n’inyigisho yatanze.” Luther yamwishuranye urupfasoni rwinshi, n’ijwi ryumvikana ritarimwo ikigumbagumba canke ishavu. Inyifato yiwe mu gutanga iyo nyishu hamwe no kwubaha, vyerekana ko atekaniwe mu mutima kandi anezerewe; ivyo vyaratangaje rwose abari bakoraniye ng’aho.IB 116.2

    Luther yishuye avuga ati: “Nyaguhora ku ngoma, mwami w’abami; baganwa namwe batware ba nyakugira neza; ndarengutse imbere yanyu uyu musi nk’uko nabihawe nk’itegeko ejo haheze; kandi kubwo ubuntu bw’Imana munkundire ndabasabe nyakwubahwa namwe mwese mwashizwe hejuru, mwumvirize ingene mvugira ivyo nshingira intahe ko ari ukuri. Hamwe vyoshika mu butamenya bwanje sinubahirize inyifato ibere ku kirimba, ndabasavye ntimubimparureko nk’ikosa, kuko sinakuriye mu birimba vy’abami, ariko nakuriye mu kigo c’abihebeye Imana.” (Ibid., b. 7, ch. 8.)IB 116.3

    Inyuma y’aho yagarutse ku kibazo nyamukuru, maze avuga ko ibitabo yanditse vyose bidafise uburemere bumwe. Mu bitabo bimwe yavuzemwo ivyo kwizera hamwe n’ibikorwa vyiza. Ivyo bitabo vyari ngirakamaro kuko n’abamurwanya baremera ko ataco vyononye ahubwo ko bifise ico vyunganira. Rero kuvyihakana kwari kuba ari ukwihakana ukuri vyigisha kandi bose bemera. Umurwi wa kabiri wari ugizwe n’ibitabo vyerekana ingene ubupapa bwarangwa n’ububegito hamwe n'ibindi biterasoni. Ukwihakana ibi bitabo na vyo nyene kwari kuba kubaye nk’ugukamira mu coze. Ishengero gatolika ry’i Roma ryari kuba rironse inguvu zidasanzwe, rikaba ryugururiwe urugi rwagutse kugira ngo amarorerwa menshi kandi akomeye yinjire. Mu murwi wa gatatu, harimwo ibitabo nakoresheje mu kwifatira mu gahanga abantu bashigikiye imbonankubone ikibi. Ku vyerekeye ivyo bitabo, Luther ata muntu arinze kumugobera, yaratuye yuko mu kuvyandika yakoresheje amajambo acumitana atari akenewe. Ntiyasavye ngo bamukureko iryo kosa ariko kandi ntan’ubwo yemeye ko ivyo bitabo yovyihakana; kuko vyari kuba bihaye akaryo abansi b’ukuri, bari kwongera kuronka aho buririra ngo batoteze ubwoko bw’Imana, babukandamize kurusha uko vyahora.IB 116.4

    “Ariko rero jewe ndi umuntu asanzwe, si ndi Imana”, uko ni ko yabandanije avuga. “Ndaza kuburana jewe ubwanje nk’uko Kristo yabikoze”: ‘nimba navuze nabi, muranyereka aho nakoze ikosa.... Kubw’ubuntu bw’Imana, munkundire ndabasabe, mwami w’abami, nyaguhora ku ngoma, na mwebwe banyakwubahwa baganwa, na mwebwe bantu umwe wese mu cubahiro ciwe, munyereke mukoresheje inyandiko z’abahanuzi n’intumwa aho noba narihenze. Ni namara kubona ko ivyo mumbwiye ari ukuri, ikosa iryo ari ryo ryose nakoze ndaryivuguruzako, kandi ni jewe nca mba uwa mbere mu gufata ibitabo nanditse maze ndabiterere mu muriro.IB 117.1

    “Ivyo mpejeje kuvuga birerekana ku buryo bugaragara, ndavyizeye, ko namaze kuri mb ura nitonze kandi nkazirikana uburemere bw’ingorane ndiko ndikururiramwo jewe ubwanje; ariko rero aho uko ivyo bintera ubwoba, nejerejwe no kubona ko muri kino gihe, nk’uko vyabayeho no mu gihe ca kera, ubutumwa bwiza bwatumye habaho guta umutwe no kwicamwo ibice. Iki ni co kiranga ijambo ry’Imana. Ni naco rikwiriye gushikako. Yesu yaravuze ati: “sinaje kuzana amahoro kw’isi, ahubwo naje kuzana inkota.” Imana irahambaye kandi iteye ubwoba mu mpanuro itanga; mwiyubare rero ntimusange mu kurondera gukuraho kwicamwo ibice mu bantu muriko murarwanya ijambo ryeranda ry’Imana, mukaba mwosanga muriko murikwegerako umwuzurira ukomeye w’ingorane z’urutavanako, ivyago vyo muri kino gihe hamwe no kwumirwa kw’ibihe vyose.... Ndashobora kubaha uburorero bwinshi buboneka mw’ijambo ry’Imana. Ndashobora kubabwira ivya ba Farawo, ivyo abami b’i Babuloni; ivy’abo bw’Isirayeli, ata gihe bakoze bisamburirako kurusha ibindi nk’igihe barondeye impanuro zasa nk’uko zari iz’ubwenge, zo gukomeza inganji yabo. Tmana yabakuriyeho imisozi ntibabimenya’” Ibid., b. 7, ch. 8.IB 117.2

    Luther yari yakoresheje ururimi rw’ikidagi mu kwisigura; baciye rero bamusaba gusubiramwo ivyo yari ahejeje kuvuga mu kilatini. Nubwo yari amaze kuruha kubwo inguvu yari yakoresheje ubwa mbere, yaravyemeye, maze yongera ashikiriza ivyiyumviro vyiwe mu buryo bwumvikana kandi akoresheje inguvu nk’iza mbere. Uburongozi bw’Imana bwaramushigikiye muri ico kiringo. Ubwenge bw’abaganwa batari bake bwari bwaraboshwe n’inyigisho z’ibinyoma hamwe n’ibintanzi, ku buryo aho Luther yariko yisigura ubwa mbere batari bashoboye gutahura ubushobozi bw’ukuntu yiyumvira; kubona rero abisubiramwo vyarabafashije gutahura neza ingingo yariko arashikiriza.IB 117.3

    Abanse kwakira umuco kubw’ ububegito bwabo, bakanka kwemera ukuri, bababajwe n’ububasha bw’amajambo ya Luther. Ahejeje kuvuga, umukum w’inama aramukankamira ati: “Ntiwishuye neza ikibazo wabajijwe! Igishakwa ni ugutanga inyishu nziza arik’irashe.. ..Mbega uremera canke ntiwemera ivyo wizera?” Umugorozi aramwishura ati: “Ko wewe nyen’ingoma n’abakuru b’ubwami bwawe murondera inyishu nziza irashe kandi ngirakamaro, ndabaha inyishu imwe gusa, nayo ni iyi: “Sinshobora guheba ukwizera kwanje kubera Papa canke abacamanza, kuko kenshi na kenshi bacumura kandi inyigisho zabo ntizihure. Ni co gituma ni ntavyemezwa n’ivyanditswe Vyeranda, canke ikiganiro gitomoye neza, ni ntabitegekwa n’imirongo natanze, akaramuka atanyeretse mu mutima ko nyuranije n’ljambo ry’Imana, Sinzohakana ico nemeye kandi sinzoshobora gukora ben’ivyo, kuko umukristo aba yishize mu kaga iyo yemeye ibitandukanye n’iciyumviro c’umutima wiwe. Sinshobora gutirimuka ngaha; Imana n’imfashe! Amen.” (Ibid., b. 7, ch. 8)IB 118.1

    Uko ni ko uyu muntu w’imvugakuri yahagaze adahugumba ku mushinge w’ijambo ry’Imana. Umuco wo mw’ijuru waramurikiye ubwenge n’ugutahura kwiwe. Kamere yiwe ihambaye kandi idahumanye, umunezero n’amahoro yari afise mu mutima, vyagaragariye bose igihe yariko anyinyurana n’ubushobozi bw’ikinyoma kandi agashingira intahe ukwizera kwanesheje isi.IB 118.2

    Abantu bose bari bakoraniye ng’aho barabuze ico bavuga, barumirwa. Aho bamubaza ubwa mbere, Luther yari yabishuye adacishije cane ijwi hejuru, yerekana ko abubashe kandi acishije make. Abayoboke b’lshengero Gatolika ry’i Roma bari babibonyemwo ikimenyetso c’uko ari intango y’ukudohoka ku vyo yemera. Kuba yari yabasavye ko bamuha akanya akiyumvira imbere y’uko abishura vyari vyabahaye icizere c’uko yohava yisubirako. Charles wa Gatanu ubwiwe abonye ukuntu vyaboneka mu maso ya Luther yuko akiri umugwaruke, ukuntu yambaye bibayabaye, ukuntu inyishu ziwe azitanga ku buryo bworoshe; yavuganye agahemo n’agakengerwe ati: “Uyu mumonaki mbona si we ari butume nemera inyigisho z’ibinyoma.” Muri kino kiringo noneho, ubutwari no gushimika ku vyo yemera yerekanye, mbere n’ubushobozi hamwe n’ivyiyumviro vyiwe bitomoye, vyatumye abantu bose babura ico bavuga, barahundagara. Umwami w’abami vyaramwanse mu nda maze aritangaza ati: “Uyu mu monaki avugana umutima urinduka kandi amajambo yiwe yuzuye ubutwari budahugumba.” Benshi mu baganwa b’abadagi bari ngaho bumvise batewe iteka, birabanezera kubona umuntu ariko aserukira igihugu cabo mu buryo nk’ubwo.IB 118.3

    Abayoboke b’lshengero Gatolika ry’i Roma ntivyabashimishije kuko babonye ko ico bariko baraharanira kiriko kiravuguruzwa. Barondeye kubandanya berekana ubushobozi bw’abo badakoresheje Ivyanditswe Vyera ahubwo bakoresheje iterabwoba; ni yo nkoni yonyene bari basigaranye yo gukubitisha abantu. Umukuru w’inama yabwiye Luther ati: “Ni wanka kuva kw’izima, Umwami w’abami hamwe n’intara zose zigize ubu bwami bari burabire hamwe ico bokorera iyi ntagondwa iriko yigisha ivyo tutemera.”IB 118.4

    Abagenzi ba Luther bari bakurikiranye n’umunezero mwinshi aho yisigura bajugumijwe n’ayo majambo y’uwo mukuru w’inama. Ariko Luther ubwiwe yavuze ata bwoba ati: “Icompa Imana ikamfasha kuko sinshobora kwihakana ikintu na kimwe mu vyo nemera” (Ibid., b. 7, ch. 8.)IB 118.5

    Yarasabwe gukinjura gato kugira ngo abaganwa bari bakoraniye aho bagire umwiherero. Vyaraboneka ko ibihe bikomeye bishitse. Ukuguma kw’izima kwa Luther ntihagire ikintu na kimwe yihakana mu vyo yemera, vyashobora kugira ubwaku ku mateka y’Ishengero y’igihe kirekire. Hafashwe ingingo y’uko bamugoragoza rindi rimwe, bakamuha akanya ko kwisubirako. Bamusavye rero kurenguka ubwa nyuma aho intahe yari ishashe. Bamusubiriyemwo ca kibazo nyene nimba yemera kwihakana ivyo yanditse kandi yizera. Yabishuye ati: “Nta yindi nyishu mfise yo kubaha iruta iyo mwamaze kunyumvana”. Vyaragaraye icese ko adashobora kugondozwa n’ibikangisho canke ivyo bamusezeranira ngo aheze yunamire ubutegetsi bw’ishengero Gatolika ry’i Roma.IB 119.1

    Abarongozi b’ubupapa baguye mu gahundwe, bababazwa no kubona ubushobozi bwa Papa bwateye ubwoba abami n’abaganwa bakadegedwa, bukengerwa n’umumonaki yiyoroheje. Bigiriye inama yo kumwumvisha akababaro bafise mu gutoteza ubuzima bwiwe guhera ico gihe. Ariko kubera ko Luther yari yamaze gutahura y’uko abangamiwe, yari yashikirije ijambo ryiwe kuri bose akoresheje iteka n’ubwitonzi rukristo. Nta bwibone bwaranze amajambo yiwe, nta gihababu canke ukurenza urugero vyayabonetsemwo. Yari yamaze kwiyibagira, kandi abantu bahambaye bari bamukikuje bariyumviye ko yari ahagaze nk'umuntu afise ubukuru bwo hejuru, burengeye ubwo abapapa, abandi banyacubahiro bo mw’ishengero, abatware bakuru hamwe n’abami. Kristo niwe yatumye amajambo ya Luther yumvikana neza gushika n’aho abashika ku nyota, agatangaza incuti ziwe, mbere n’abansi biwe. Mpwemu w’Imana yari muri iyo Sentare, akora ku mitima y’abakuru b’igihugu. Abenshi bo mur’abo bakuru baremeye icese yuko amajambo ya Luther ari ay’ukuri rwose. Abenshi bemejwe amajambo yiwe, ariko abandi nabo ivyiyumviro vyabo ntivyagumyeho rwose. Hariho abantu berekanye ko batizera ayo majambo, ariko aho bamariye kwisomera Ivyanditswe Vyeranda bo nyene bitonze, bahavuye bahagararira Ubugorozi bw’idini.IB 119.2

    Umutware Frederick yari yabanje kwihebura abonye Luther arengukijwe imbere y’intahe, yumviriza ivyo ashikiriza afise ikigumbaguma ku mutima. Yahavuye agira umunezero mbere no kwishimiriza abonye ubutwari bwa Luther, ukutivuguruza, ukwifata hamwe no guhagarara ashikamye mu kwisigura kwiwe. Yararimbuye agerageza kuraba ubudasa hagati y’iyo mirwi ibiri yari ihanganye maze asanga ubukerebutsi bw’abapapa, abami n’abepiscopi bwagwijwe n’ubusa kubwo ubushobozi bw’ukuri. Ubupapa bwari buhejeje kurushwa kandi ivyo vyari bigiye kuzogira inkurikizi mu mahanga yose hamwe n’ibihe vyose.IB 119.3

    Intumwa ya Papa imaze kubona ubwaku amajambo ya Luther yagize ku bantu, yaciye atekerwa n’ubwoba atari yarigeze agira. Yarabonye ko umutekano w’ubutegetsi bw’ishengero ry’i Roma ubangamiwe cane, maze yigira inama yo gukoresha ubushobozi bwose yahawe kugira ngo azimanganye uwo mugorozi. Kubera ko yari asanzwe ari rurangiranwa mu gushikiriza ijambo, yabwiye Umwami w’abami akoresheje imvugo isosereza kandi ihinguye neza ivy’ingorane n’ubusazi vyoba bimushikiye, hamwe yoba yitwararitse kandi agaha agaciro umumonaki ataco amaze, akabikaba n’ubugenzi hamwe n’ubufasha aronswa n’ubutegetsi buhambaye bw’ishengero Gatolika ry’i Roma.IB 119.4

    Amajambo yiwe ntiyabuze kugira akamaro. Ku musi wakurikiye uwo Luther yarengukiyeko ubwa nyuma imbere y’abamucira urubanza, Charles wa gatanu yarungikiye Sentare ubutumwa bwo gusomera abantu, aho yamenyesheje icese ko atazotirimuka ku mategeko abo yasubiriye bisunze yo gutsimbataza no gukingira Ishengero Gatolika. Kubera yuko Luther yari yanse kugondozwa, hategerezwa gukoreshwa ingingo zikomeye cane kugira ngo batuze ‘ibinyoma’ yigishije kandi nawe ubwiwe bamubuze kubandanya yonona. “Umumonaki asanzwe, uwo yahenzwe n’ugusara kwiwe yaviriye hasi ukwizera rukristo. Niteguye gutanga ubwami bwanje, itunga ryanje, umubiri wanje, amaraso hamwe n’ubuzima bwanje kugira mpagarike ubwo buhakanyi. Hasigaye gato gusa Luther nkamwirukana; nkamubuza gutera uruhagarara mu bantu. Hamwe n’ivyo nzomufatira ingingo nongere ndayifatire n’abayoboke biwe, kuko bose ari abanyabinyoma b’intagondwa; bazokwirukanwa mw’ishengero, baharirwe ivomo. Nzonakoresha n’ubundi buryo bwose kugira tubatsiratsize. Abanyagihugu bose ndabahamagariye kwifata nk’abakristo b’abizigirwa.” (Ibid., b. 7, ch. 9.). Ariko rero, hamwe n’ivyo umwami yamenyesheje yuko murekarengane Luther yaronse itegerezwa kwubahirizwa, kandi ko imbere yuko hagira ingingo n’imwe bamufatira, bategerezwa kubanza bakamureka agashika i muhira mu mutekano.IB 120.1

    Haciye haboneka ivyiyumviro bibiri bivuguruzanya hagati y’abantu bari bashashe muri iyo Sentare. Intumwa zari zihagarariye Papa zongeye gusaba yuko iyo murekarengane y’uwo mugorozi idakwiriye guhabawa agaciro. Bavuze bati: “Umunyota wiwe ukwiriye gutererwa mu ruzi Rhino, nk’uko vyashikiye Yohana Huss, haraheze imyaka ijana.”( Ibid., b. 7, ch. 9.) Ariko rero, abatware b’abadagi bo mu nda y’ingoma, n’ubwo bari basanzwe ari abayoboke ba Papa kandi badakunda Luther, bariyamirije ico ciyumviro cari kuba kigwije n’ubusa isezerano ryari ryatanzwe, bikaba vyari guca bizana agasembwa kw’iteka ry’igihugu. Baciye bibuka ivyago vy’urutavanako vyakurikiye iyicwa rya Yohana Huss, maze baca baramenyesha icese yuko batokwipfuza kubona ibintu nk’ivyo bishikira Ubudagi igihugu cabo, batokwipfuza kubona bishikira umwami wabo atari bwamare igihe kirikire yimitswe muri ayo mabanga; ntibipfuza kwongera kubona akabi nk’ako.IB 120.2

    Charles wa Gatanu ubwiwe yatanze inyishu ku kibazo cari cashikirijwe avuga ati: “Igihe vyoshika icubahiro hamwe n’ukwizera bigacibwa mw’isi yose, bikwiriye kuronka ubuhungiro mu mitima y’abaganwa.” (-Ibid., b. 7, ch. 9.) N’aho nyene amaze gutanga iyo nyishu, umwe mu bansi ba Luther bakomeye bo ku ruhande rw’Ubupapa yakomeje kumuremera ngo yankirize uwo mugorozi nk’uko Sigismund yirengeje Yohana Huss -yarekuriye ishengero ngo rimukoreshe ico rishaka. Ariko Charles wa Gatanu yibutse ingene Yohana Huss, imbere y’ikoraniro ry’abantu, yatunga amaboko yiwe aboshwe umwami w’abami Sigismund akamwagiriza icese ko yahemutse kw’isezerano yari yatanze, yaciye amenyesha icese ati: “Singomba kumaramarira mu bantu nk’uko vyashikiye Sigismund.” (Lenfant, vol. 1, p. 422.)IB 120.3

    Ariko Charles wa Gatanu ntiyerekwa ukuri kwari kwashikirijwe na Luther. Yari yanditse avuga ati: “Niyemeje kuzokurikiza ntahugumba akarorero k’abakurambere.” (DAubigne, b. 7, ch. 9.) Yari yafashe ingingo yuko adashobora kuvavanura n’inzira y’imigenzo, ko atoshobora kugendera mu nzira y’ukuri n’ubugororotsi. Kubera yuko abamwitangiye imbere bari barabikoze, yategerezwa gushigikira nawe Ubupapa, hamwe n’ubugizi bwa nabi n’ububegito bwabwo. Uko niko yafashe ingingo yo kwanka umuco uwo ari wo wose abamuboneye izuba batari bakiriye, canke ngo akore igikorwa kinyuranije n’ico ban bakoze.IB 120.4

    No muri kino gihe hariho abantu benshi biboheye ku migenzo no ku migani y’abababoneye izuba. Iyo Umwami abarungikiye umuco w’inyongera, baranka kuwakira, bakitwaza ngo abababanjirije ntibari bigeze bawumenya, nta n’ubwo bigeze bawakira. Ikibanza turimwo kiratandukanye n’ico abatubanjirije barimwo; ni co gituma ibikorwa n’amabanga tujejwe bitandukanye n’ivyo bari bashinzwe. Imana ntizotwemerera kurabira akarorero ku baluboneye izuba kugira ngo tumenye ibikorwa dushinzwe aho kuronderera mw’ijambo ry’ukuri ibikorwa bidukwiriye. Amabanga tujejwe arahambaye gusumba ayo abo hambere bari bafise. Umuco baronse hanyuma bakawudusigira nk’iragi tuzowubazwa. Hamwe n’ivyo, umuco twaronse nk’inyongera kuri uwo twatoranye, ukaba ukayangana uvuye mw’ijambo ry’Imana, nawo nyene tuzowubazwa.IB 121.1

    Yesu yaragize ico avuga ku bayuda batizera: “Iyo ntaba naraje ngo ngire ico ndababarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo”. (Yohana 15:22) Ubwo bushobozi mvajuru nyene ni bwo bwiyerekaniye muri Luther maze butuma abwira ayo majambo nyene umwami w’abami n’abaganwa b’abadagi. Mu gihe umuco wakayangana uvuye mw’ijambo ry’Imana, Mpwemu wayo yariko yinginga ubwa nyuma abatari bake bari muri iryo koraniro. Nk’uko mu binjana vyari vyararenganye Pilato yari yemereye ubwibone hamwe no kuba rurangiranwa bikazibira umutima wiwe ntiyakire Umucunguzi w’isi; nk’uko Feliki ariko arajugumizwa yinginga intumwa y’ukuri ati “Ubu ni wigire, ni naronka uburyo bwiza nzogutumako”; nk’uko Agiripa n’ubwibone bwinshi yatuye avuga ati: “Unkwegesha ivyo bike ngo umpindure umukristo” (Ivyakozwe n’Intumwa 24:25; 26:28), ariko akigirwa kure intumwa yarungitswe ivuye mw’ijuru; uko ni ko na Charles wa Gatanu, yumiye ku mpanuro z’ubwibone na politike y’isi, maze afata ingingo yokwirengagiza umuco w’ukuri.IB 121.2

    Amakuru y’imigambi yariko ifundikwa kugira ngo Luther bamugirire nabi yarakwiragiye hirya no hino maze igisagara cose kirashuhirana. Igikorwa c’ubugorozi cari catumye Luther yikwegerako abagenzi benshi. Abo bari bazi ikibi kibishe Ishengero Gatolika ry’i Roma rikorera uwo wese ahirahira agashira ahagaragara ububegito bwaryo, bahavuye rero bafata ingingo yuko ubuzima bwa Luther butobangamirwa. Abaganwa amajana biyemeje kumukingira. Benshi barateye ivyatsi ubwo butumwa umwami w’abami yari yashikirije bavuga ko ari ikimenyetso c’intege nke n’ubwoba imbere y’ubushobozi bw’igikenye c’abatware b’lshengero Gatolika ry’i Roma. Ku miryango y’amazu hamwe no mu bibanza ahantu hakoranira abantu benshi barahamanitse ivyandiko vyateguwe neza, bimwe vyashigikira Luther, ibindi bikamusabira igihano. Kimwe muri ivyo yandiko cariko aya majambo akurikira: “Uzobona ibara, wa gihugu, umwami wawe iyo ari umwana” (Umusiguzi 10:16) Ukuba Luther yari ashigikiwe n’abantu benshi mu gihugu cose c’Ubudagi kwatumye umwami w’abami hamwe na Sentare babona ko hamwe Luther yoba arenganijwe, amahoro mu gihugu yohungabana kandi n’intebe y’umwami w’abami ntiyoba itekaniwe.IB 121.3

    Umutware Frederick w’i Saxonie yerekanye umwifato w’ubwenge bwinshi. N’ubwo atashatse kugaragariza bose ivyiyumviro yari afise kuri uyo mugorozi, yamukurikiranira hafi, akagenzura yihanganye ingendo ziwe hamwe n’ingene abansi biwe bagenda biyunguruza. Ariko hariho n’abandi benshi batabura kwereka Luther ko bamutahura kandi ko bamushigikiye. Abaganwa, abatware bo mu nzego zitandukanye hamwe n’abandi banyacubahiro, baba abo mu gihugu canke abo mw’ishengero baramugendera. Spolatin yabibonye yashinze intahe avuga ati: “Akumba gatoya Luther yarimwo ntikashobora gukwirwamwo abashitsi baza kumuraba.” (Martyn, vol. 1, p. 404) Abantu bamugendera babona ko atari umuntu nk’abandi. Mbere n’abatemera inyigisho ziwe ntibabura gutangazwa n’ingene ukuba inyankamugayo kwiwe kwamushoboje guhangara urupfu aho kuvuguruza umutimanama wiwe.IB 121.4

    Nta kintu kitageragejwe kugira ngo n'imiburiburi banywanishe Luther n’abatware b’lshengero Gatolika ry’i Roma. Abaganwa n’abatware bakuru mu gihugu bararushanywa kandi bagakurakuranwa mu kumwereka ko hamwe yobandanya kwerekana ko ivyiyumviro vyiwe bitandukanye n’ivy’Ishengero hamwe n’ivy’abajenama, ata gihe kirikire yoba asigaranye kugira ngo bamuce mu gihugu maze abure uwoba akimushigikira. Luther yishura ababa bariko baramushikiriza aya majambo avuga ati: “Inkuru nziza ya Kristo ntiyovugwa ngo ibure kugira abo itsitaza.. .None ni kuki ubwoba canke kwiyumvira ingorane zishobora gushika vyontandukanya n’Umwami, canke bigatuma mvavanura n’iryo jambo ry’ukuri ry’Imana? Oya na mba, icoba ciza ni uko umubiri, amaraso n’ubuzima vyanje ari vyo vyokwankirizwa.” (D’Aubigne, b. 7, ch. 10)IB 122.1

    Barongeye kandi baramwumvisha yuko akwiye kwisunga itegeko ry’umwami w’abami; ko ata bwoba akwiye kwongera kugira hamwe yobikora. Yabishuye avuga ati: “Ndemera n’umutima wanje wose ko uni warn i w’abami, abatware bakuru, mbere n’umukristo nyarucari baraba bakagenzura neza inzandiko zanje, ariko gusa babikore bisunze ijambo ry’Imana nk’urufatiro. Nta kindi kintu abantu bafise co gukora uretse kuryubahiriza. Ntimurondere kubabaza umutimanama wanje wamaze gufatana no kubohwa n’lvyanditswe Vyera.”(Ibid., b. 7, ch. 10.)IB 122.2

    Abongeye bakamwinginga ngo yinanate yubahirize itegeko ry’umwami w’abami yabishuye ati: “Murekarengane nari naronse ndemeye kuyiheba. Jewe ubwanje hamwe n’ubuzima bwanje ndabishoye mu biganza vy’umwami w’abami, ariko ico ntashobora gushora ni ijambo ry’Imana; ntibikabeho!” (Ibid., b. 7, ch. 10.) Yaragaragaje ugushaka kwiwe ko yokwisunga ingingo yafashwe n’inama ya bose mu gihe gusa iyo ngingo yari kuba yemejwe hisunzwe Ivyanditswe. Yarongeye ati: “Mu bijanye n’ijambo ry’Imana hamwe n’ukwemera, umwizera wese akwiye kuba umucamanza mwiza ku rugero rum we n’urwa Papa, naho uyu yoba ashigikiwe n’abahanuzi benshi, bamuyoboka.” (Martyn, vol. 1, p. 410.) Abagenzi ba Luther hamwe n’abansi biwe, bose barabona ko icokorwa cose mu ntumbero yo kunywanisha Luther n’abarongozi b’Ishengero Gatolika ry’i Roma ataco coba kigishikako.IB 122.3

    Iyo Luther ahirahira akagira ahantu atirimuka na hamwe honyene, Satani n’ingabo ziwe bari kuba baronse intsinzi ku rugamba. Ariko rero uku gushikama ku kuri ntahugumbe ni vyo vyabereye ishengero akabero ko kwidegemvya, maze ryinjira mu biringo bishasha kandi vyiza. Ubwaku bw’uyu muntu umwe gusa yahisemwo kwiyumvira no gukora ku giti ciwe bwakwiye mw’ishengero no mw’isi yose mu gihe yari akiriho no mu bihe vyakurikiye. Ukudahugumba no kudahemuka vyiwe vyari bikwiriye gutera intege abantu bose bazoshikirwa n’ingorane nk’izamushikiye, mu gihe turiko turegereza ibihe vy’iherezo. Ubushobozi n’icubahiro vy’lmana birengeye kure inama z’abana b’abantu, bisumba kure ubushobozi bukomeye bwa Satani.IB 122.4

    Bidatevye, itegeko ry’umwami w’abami ryarasohotse risaba Luther gusubira i muhira. Luther yatahuye yuko iryo tegeko riri bukurikirwe vuba na vuba n’irindi ryo kumucirako iteka. Inzira yiwe yari yugarijwe n’ibicu biteye ubwoba, ariko aho yava i Worms, umutima wiwe wari wuzuye umunezero n’amashimwe. Yavuze ati: “Satani ubwiwe ni we yari acungereye inyubakwa y’icubahiro ya Papa; ariko Kristo yahaciye inzira yagutse ku buryo vyabaye nkenerwa yuko umugwanizi yatura yuko Umwami amurusha inkomezi.” (D'Aubigne, b. 7, ch. 11.)IB 123.1

    Amaze kuva i Worms, kugira ngo yereke umwami w’abami ko ukwemangira ukuri kwiwe ataco bisa bisana no kuba intagondwa canke kugumuka, Luther yaramwandikiye ati: “Imana, yo imenya ibiri i bwina mu mutima, ni yo inshingira intahe, ko niteguranye igishika co kukwubahiriza, nyaguhora ku ngoma, haba mu cubahiro canke mu gakengerwe, mu buzima canke mu rupfu, ata kintu na kimwe kitubujije gukingira ijambo ry’Imana, ryo ribeshejeho abantu. Mu vyo dukora vyose muri ubu buzima, ubugamburutsi bwanje ntibushobora guhugumba, kuko muri ivyo ico wunguka canke uhomba nta nkurikizi kigira ku gakiza k’umuntu. Ariko iyo agakiza k’ibihe vyose ari ko gashizwe hejuru, ico Imana igomba ni uko ata muntu yokwubaha itegeko ry’umuntu kurirutisha iry’Imana. Kuko ubugamburutsi nk’ubwo mu bijanye n’ivya Mpwemu ni ugusenga kwuzuye, tukaba kandi ata wundi dukwiye gusenga uretse Umuremyi.” (DAubigne, b. 7, ch. 11.)IB 123.2

    Ariko arasubira inyuma avuye i Worms, Luther yakiranywe igishika cinshi gusumvya igihe yariko arajayo. Abategetsi bakuru mw’Ishengero bahaye ikaze uwo mumonaki yari yamaze gucibwa; abategetsi b’igihugu ku nzego zitandukanye bakiranye iteka umuntu umwami w’abami yari yiyamirije. Baramugobereye ngo asigure, maze atarajwe ishinga n’ico itegeko ry’umwami w’abami ryari ryamubujije, yongera guhagarara ku ruhimbi. “Jewe ubwanje sinigeze nsezerana ko ijambo ry’Imana nzoriboha, nta n’ubwo nzokwigera ndabikora”, uko ni ko yavuze. (Martyn, vol. 1, p. 420.)IB 123.3

    Ataramara igihe kirekire avuye i Worms, abayoboke ba Papa bashikiriye umwami w’abami bamusaba yuko ashinga itegeko ryo kumurwanya. Umwami w’abami yasohoye iryo tegeko yagiriza Luther ko “ari Satani yigendera afise ishusho y’umntu kandi yambaye impuzu z’umumonaki.” (DAubigne, b. 7, ch. 11). Hasohowe itegeko yuko ikiringo ca murekarengane yarafise kimaze guhera, ko hoca hafatwa ingingo kugira ngo bamubuze ntasubire kwigisha. Abantu bari babujijwe kumucumbikira, kumugaburira no kumuha ivyo anywa, kumufasha wiherereye waba wiherereye canke uri mu bantu, haba mu majambo canke mu bikorwa. Aho hose bari kumubona bategerezwa kumufata maze bakamushikiriza ubutegetsi. Abayoboke biwe nabo nyene bategerezwa gufatwa bagashirwa mw’ibohero, maze ivyo batunze bakabibanyaga. Ibitabo yanditse vyategerezwa gutaburwa, hanyuma kandi uwo wese yari guhirahira ngo akore ibinyuranye n’iri bwirizwa, yaca ashirwa mu murwi w’abategerezwa gufatirwa ingingo nawe. Umutware w’intwara ya Saxonie hamwe n’abandi banyacubahiro b’abagenzi ba Luther, bari barindiriye ko ashingura ukuguru i Worms kugira babone nabo nyene kuvayo. Iryo tegeko ry’umwami w’abami ryashikirijwe rero atariho bari, rica rishigikirwa n’inama yose. Abari ku ruhande rwa Papa baranezerejwe cane n’iryo tegeko. Babona ko ivyo ubugorozi noneho birangiye.IB 123.4

    Ariko rero, Imana yari yateguye inzira yo gukiza uwo musuku wayo muri ico gihe c’akaga gakomeye. Ijisho ridakebaguzwa ryari ryakurikiranye Luther aho yaja hose, kandi umutima w’impuhwe hamwe n’ukuri wari wamaze kwitegurira kumurengera. Can ikintu cibonekeza yuko ico abarongozi b’ishengero Gatolika ry’i Roma barondera atari ikindi uretse urupfu rwiwe. Uburyo bwonyene bwari busigaye bwo kumukura mu menyo y’intare kwari ukumunyegeza. Imana yakoreye muri Ferederiko w’i Saxoni maze yiyumvira umugambi wo gukingira uwo mugorozi. Mu kubishikako yakoranye n'abagenzi biwe b’abishikira, maze Luther aranyegezwa ku buryo baba abagenzi biwe canke abansi biwe, ata n’umwe yari akimubona. Mu nzira, ariko arasubira inyuma avuye i Worms, abantu baramufashe, bamutandukanya n’abari bamugendaniye, baramunyarukana, bamucisha mw’ishamba, bamujana mu nyubako y’i Warlburg, umusozi ukingiwe kubwo ubwiherero bwawo. Uko kuntu bamufashe n'ukuntu bamunyegeje vyakozwe mw’ibanga rihambaye ku buryo na Fredercik ubwiwe yagiye kubimenya ido n’ido mu nyuma. Kubona atabimenya imbere y’igihe vyari bifise ico bifashije: igihe cose atari azi aho Luther bamunyegeje, nta n’ico yari kuvuga. Icamunejereje gusa ni uko aho Luther yari ari,yari akingiwe, ivyo vyonyene vyari bimuhagije.IB 124.1

    Ibihe vy’umwaka vyarakurakuranywe, birabisikanya, maze Luther aguma aho hantu bari bamunyegeje. Aleander n’abo bakorana akamwemwe karabasya igihe cose biyumvira ko umuco w’ubutumwa bwiza uri hafi kuzima. Ku rundi ruhande naho, Luther yariko aruzuza itara ryiwe amavuta akuye mw’itangi y’ukuri, kandi umuco noneho wari ugiye kurushirizaho kubonesha.IB 124.2

    Muri iyo nyubakwa aho yari yugaraniye i Wartburg, Luther yaranezerewe gatoya no kubona yatezuriwe akavanwa muri ubwo bushuhe n’ayo madidane y’urugamba. Ariko rero ntiyari guhimbarwa na gato no kubaho mu gacerere yiruhukiye. Yari yaramenyereye ubuzima bw’ibikorwa no guhangana n’ingorane ku buryo bitari kumworohera kuguma ng’aho areze amaboko. Muri iyo misi rero yari mw’irungu yakomeje kwiyumvira uko ishengero ribayeho maze aca arivuganya yihebuye ati: “Kubona ata muntu n’umwe muri iyi misi ya nyuma y’uburake bwayo yohagarara nk’uruhome imbere y’Umwami ngo akize Isirayeli!” (Ibid., b. 9, ch. 2.) Mu nyuma yiyumviriye ku vyamushikiye maze yumva atewe n’ubwoba bwo kuzohora yagirizwa ko yidohoye ku rugamba. Yaciye yiyagiriza we ubwiwe ugufata ibintu minenerwe no kutarondera kwikwegera ingorane. Ariko rero, muri ico gihe nyene, ibintu yakora ku musi ku musi vyari vyinshi ku buryo vyari birengeye kure ivyo umuntu umwe yokora. Ikaramu yiwe nta gihe yigeze ironswa agahengwe ngo irambikwe hasi. Mu gihe abansi biwe bariko birya akara ngo baramubujije kuvuga, baraguye mu gahundwe, baratangara babonye ibimenyetso ntabanduka yuko atahagaritse igikorwa ciwe. Inzandiko zo gukwiragiza hirya no hino, yiyandikiye we ubwiwe, zaratangwa mu gihugu c’Ubudagi cose. Hamwe n’ivyo, hari ikintu yakoreye abadagi basangiye igihugu: yahinduye mu rurimi rw’ikidagi Isezerano rishasha ryari risanzwe riri mu rurimi rw’ikilatini. Kuri iyo Patimo y’amabuye aho yari yugaraniye, yahamaze hafi umwaka wose ahavugira ubutumwa bwiza kandi yiyamiriza ivyaha n’amarorerwa yakorwa ico gihe.IB 124.3

    Ariko rero, Imana ntiyari yabaye irakingira umusuku wayo mu kumukura mu buzima busanzwe irondera gusa kumunyegeza uburake bw’abansi biwe canke kumuha akaryo ko kuba araruhutse ibikorwa vyiwe bihambaye. Hariho ibintu vy’agaciro kurusha ibindi vyari bikwiriye gushikwako. Muri iryo rungu no muri ukwo kutamenyekana kw’aho hantu h’umusozi hari hiherereye, Luther yari yigijwe kure y’ubufasha bw’ab’ isi n’amashimwe y’abantu. Ivyo vyatumye akingirwa ubwibone hamwe no kwizera ubushobozi bwiwe biterwa kenshi na kenshi no kubona ugira umugambi w’ikintu ukagishikako. Muri ukwo kubabazwa hamwe no gucishwa bugufi, yariko kandi arategurwa gutambuka mu mutekano atera intambwe aduzwa hejuru aho bari bamwipfurije gushika vuba na vuba.IB 125.1

    Uko abantu bagenda banezerwa kubw’umwidegemvyo ukuri kubashikanako, usanga bagomba gushira hejuru abo Imana iba yakoresheje kugira ngo icagagure imigozi y’ikinyoma n’ibintazi. Ico Satani arondera ni ugukura ivyiyumviro n’ibigumbagumba vy’abantu ku Mana maze akavyimurira ku bantu. Satani arongora abantu ku guha icubahiro umuntu w’igikoresho maze agatuma yirengagiza ikiganza kimukoresha ivyo vyose ashobora kurangura. Uko ni ko abarongozi b’lshengero kenshi na kenshi bavugirizwa impundu bagashimirwa maze bakahava bibagira yuko ivyo bakora babishobozwa n’Imana, maze ugasanga bibonako ubushobozi. Inkurikizi y’ibi ni uko baca barondera kwifatira mu minwe ubwenge n’umutimanama w’abantu usanga babisunga ngo babayobore aho kwisunga ijambo ry’Imana. Igikorwa c’ubugorozi kenshi kirazimangana kubera ako gatima abogishigikiye berekana. Ariko rero Imana izokwama igikingira akaga nk’ako. Ico yipfuza ni uko ico gikorwa kitoshirwako umukono kitoshirwako ikidodo c’umuntu ariko coshirwako umukono n’ikidodo vy’Imana. Amaso y’abantu yari yasamariye Luther nk’uko ari we umushikiriza w’ukuri; vyabaye nkenerwa yuko ataramurwa kugira amaso yose atumberezwe kw’isoko y’ukuri yamaho.IB 125.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents