Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 17 - Integuza Zumutwenzi

    Ukuri guhambaye cane kandi kw’icubahiro kuruta ibindi bintu vyose kwahishuriwe muri Bibiliya ni ukugaruka ubugira kabira kwa Yesu Kristo kugira ngo amarire igikorwa co gucungura abantu. Ku bantu b’ingenzi b’Imana, bari bamaze igihe kirekire bayerera mu “mwonga w’igitutu c’urupfu”, ivyizigiro vy’agaciro bitera umunezero babivana mw’isezerano ry’ukugaruka kwiwe, ” we kuzuka n’ubugingo” aje “kujana i muhira abiwe bari barangajwe.” Inyigisho y’ukugaruka kwa Yesu ubugira kabiri ni urupfunguruzo rukomeye rw’Ivyanditswe Vyera. Uhereye umusi abavyeyi bacu ba mbere bagira ivyago bakirukanwa muri Edeni, abana b’Imana kubwo ukwizera bararindiriye ukuza k’uwasezeranywe kuzosanzaza ubushobozi bw’umwansi maze akongera akabashikana muri Paradizo batakaje. Aberanda bo hambere bareretswe ukuzoza kwa Mesiya mu cubahiro, umuzo uzoshitsa ivyizigiro vyabo. Henoki umwe wenyene wo mu runganwe rugira indwi uhereye ku bantu ba mbere babaye muri Edeni, umwe yagendanye n’Imana imyaka amajana atatu, yagiriwe ubuntu bwo kurabira kure umuzo w’umucunguzi. Aravuga ati: “Eh’Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe, kugira ngw’acire bose amateka.”(Yuda 14, 15) Umukurambere Yobu ari mw’ijoro ry’amageragezwa akomeye yateye akamo kagaragaza ukwizera kudahugumba yari afise. ” Ariko jewe ubwanje nzi yuk’Umucunguzi wanje ariho, kandi ko kwiherezo azohagarara kw’isi ... nzobona Imana mfise umubiri. Nzoyibonera ubwanje, Amaso yanje azoyitegereza, nta wundi nzoraba.”(Yobu 19:25-27)IB 218.3

    Umuzo wa kristo kugira ngo hashingwe intwaro y’ubugororotsi n’ubutungane watumye abanditsi b’inkuru zeranda bashikiriza amwe mu majambo ateye igomwe kandi ahambaye. Abahinga mu gutondekanya amajambo hamwe n’abavugishwa n’Imana bo muri Bibiliya bavuga ivy’uwo muzo bakoresheje amajambo bahawe nk’abavugishwa kubwo imbeya z’umuriro uvuye mw’ijuru. Umunyezaburi yararirimvye ivyo ubushobozi hamwe n’icubahiro c’umusi wa Isirayeli. ” Kuri Siyoni h’ubwiza buhebuje niho Imana ikayanganiye. Imana yacu izoza, kandi ntizocereza... Izohamagara ijuru ryo hejuru n’isi na yo; kugira ngw’icire abantu bayo urubanza.” (Zaburi 50:2-4) “Ijuru ni rinezerwe, isi ni ihimbarwe .. .imbere y’Uhoraho, kukw'agira aze, agira aze gucira abari mw’isi imanza, azocira abari mw’isi imanza zibereye, n’amahanga nk’uko ari umwizigirwa.” (Zaburi 96:11-13)IB 219.1

    Uwavugishwa n’Imana Yesaya yaravuze ati: “Ni mwikangure, muririmbe yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw’ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kandi ivu rizogarura abapfuye.”” Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka.” ” Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose ; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose ; n’ubumaramare bwo ku bantu biwe azobukura kw’isi yose ; kuk’Uhoraho ariwe abivuze. Nuko kur’uwo musi bizovugwa, ngw’ehe iyi ni yo Mana yacu ; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza : uyu ni we Uhoraho; niwe twari turorereye ; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.” (Yesaya 26:19; 25:8,9)IB 219.2

    Uwavugishwa n’Imana Habakuki yareretswe ku buryo buteye igomwe ibijanye no guseruka kwiwe: “Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani. Ubwiza bwiwe bwakwiye hejuru, kand’isi yuzuye ishimwe ryiwe. Gukayangana kwiwe kwari nk’umuco.” “Arahagarara, agera ubunini bw’isi; Araba amahanga agahinda agashitsi; imisozi y’intahava irasanzara, uturambi tw’inyame turanyika ; ajana inzira ziwe za kera.” ” Vyatumye ugendera ku mafarasi yawe, no mu mikogote yawe y’intsinzi ?” “Imisozi yarakubonye, irasambagirika .. .1 bwina humvikanisha ijwi ryaho, hatarika amaboko yaho. Izuba n’ukwezi vyigumiye i wavyo, kubw’imyampi yawe yagiye ibishwarara, n’ugukayangana kw’icumu ryawe rica ibibatsi.” “Wasidukanywe no kuzanira abantu bawe agakiza, no kuzanira agakiza uwo warobanuje amavuta.”( Habakuki 3:3,4,6,8, 10, 11, 13)IB 219.3

    Mu gihe Umukiza yari hafi yo gutandukana n’abigishwa biwe, yarabaremesheje mu kababaro barimwo abemeza yuko ategerezwa kuzokwongera kugaruka: “Ntimuhagarike imitima yanyu...I muhira kwa Data hari amazu menshi...Ngiye kubategurira ahanyu.Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu nzogamka kubajana iwanje ngw’ aho ndi namwe abe ariho muba.”( Yohana 14:1-3) “Umwana w’umuntu azoza afis’ubwiza bwiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose.” “Ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubwiza: amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe.” (Matayo 25:31,32)IB 220.1

    Abamarayika bari bagumye ku musozi Elayono Yesu amaze kuduzwa mw’ijuru bongeye gusubiriramwo abigishwa biwe ivyo isezerano ryo kugaruka kwiwe. “Uwo Yesu abakuwemwo akaduzwa mw’ijuru azoza atyo, nk’uko mumubonye aja mw’ijuru.” (Ivyakozwe n’Intumwa 1:11) Kandi n’intumwa Paulo, avugishijwe na Mpwemu itekerera umuntu amajambo, ashinga intahe ati: “Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana.” (lAb’i Tesalonika 4:16) Naho uwavugishwa n’Imana i Patimosi aravuga ibi: “Ehe arazanana n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomwibonera.” (Ivyahishuriwe Yohana 1:7)IB 220.2

    Kuri uwo muzo niho henena amahirwe yo “gusubira guhindura ibintu vyose bisha nkukw’Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose uhereye ubwa mbere na mbere.” (Ivyakozwe n’intumwa 3:21) Aho rero ni ho itegeko ry’ikibi ryamaze igihe kirekire rizofutwa; “Ubwami bw’isi buzohinduka ubw’Umwami wacu n’ubwa Kristo wiwe, kand’azohora ahangamye ibihe bitazoshira.”(Ivyahishuriwe Yohana 11:15) “Maz’ubwiza bw’Uhoraho buzohishurwa, kand’abafis’umubiri bose bazobubonera rimwe.” “Umwami Uhoraho azomeza ukugoroka n’ishimwe imbere y’amahanga.” ” Uhoraho nyen’ingabo azobera abantu biwe b’amasigarira igitsibo c’icubahiro n’umugara w’ubwiza.”(Yesaya 40:5; 61:11; 28:5)IB 220.3

    Aho ni ho ubwami bw’amahoro bwa Mesiya bwarindiriwe igihe kirekire buzokwimikwa munsi y’amajuru yose. “Kuko jewe Uhoraho namaze Siyoni umubabaro; namaze umubabaro imisaka yaho yose; kandi ubugaragwa bwaho nabugize nka Edeni, n’ubweranyange bwaho nabugize nk’itongo ryanje.” “Buzohabwa ubwiza bw’i Lebanoni, n’ugushaza kw’i Kalumeri n’i Sharoni.” “Ntuzosubira kwitwa Ntabwa, n’igihugu cawe ntikizosubira kwitwa Misaka; arik’uzokwitwa Nkundwakazi, n’igihugu cawe kizokwitwa uwabiriwe.” ‘TSfk’uk’umukwe anezererwa umugeni, nikw’Imana yawe izokunezererwa.”(Yesaya 51:3; 35:2; 62:4, 5)IB 220.4

    Ukuza kw’Umwami ni kwo kwaremesheje ivyizigiro vy’abamukurikiye b’imyaka yose. Isezerano Umwami yashiriye ahabona ku musozi Elayono, ariko aragenda, ko azokwongera kugaruka, ryamurikiye kazoza k’abigishwa biwe, ryuzuza imitima yabo umunezero hamwe n’ivyizigiro agahinda katoshobora kuzimanganya, mbere n’amagume atoshobora gutuma bigabanuka. Hagati y’imibabaro no guhamwa, “uguseruka kwimana ihambaye n’Umukiza wacu Yesu Kristo” ni vyo vyari “ivyizigiro vy'amahirwe.” Igihe Abakristo b’i Tesalonike bari buzuye amaganya mu gihe baba bariko bashingura ababo babuze batanka, bari bafise ivyizigiro vy’uko bazoba bakiri bazima kugira ngo bibonere bo ubwabo ukuza kw’Umwami. Umwigisha wabo Paulo yabasavye ko botumbereza amaso yabo ku muzuko uzoshika igihe Umwami azoba agarutse ubugira kabiri. Ico gihe abapfiriye muri Kristo bazozuka, maze twese turi kumwe n’abazoba bakiriho, tuzokoranywa tuduzwe mu kirere gusanganira Umwami. Rero aravuga ati: “Ni ho tuzokwama tubana n1 Umwami. Nuko mwiruranishe ayo majambo.” (1 Ab’i Tesalonika 4:16-18)IB 220.5

    Ari mw’izinga ry’amabuye y’ibitandara i Patimo, umwigishwa yakundwa yumvise iri sezerano ngo : ” Ni ivy’ukuri ndaza vuba”, kandi inyishu yiwe ishira ahabona isengesho ry’ishengero mu rugendo rwaryo rw’ibihe vyose: “Amen, urakaza Mwami Yesu.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:20)IB 221.1

    Hagati mu mabohero, ku biti baboheyeko abantu ngo babaturire, ku mamashini bicarikwako ngo babanyonge; aho aberanda n’abamaratiri bashingiye ukuri intahe, havuye aya majambo yuzuye ukwizera n’ivyizigiro uko ibinjana vyagiye bikurikirana. Kubwo “kwemera badakekeranya ko Yesu yazutse, kandi ko nabo bazozurwa Yesu agarutse ubwa kabiri”, umwe muri abo bakristo aravuga ati: ” Urupfu barurwije n’ubusa, ku buryo vyabonetse ko bari bararutsinze. (Daniel T. Taylor, The Reign of Christ on Earth: or, The Voice of the Church in All Ages, page 33.) Baremera kugushaka kwabo kujanwa mu mva kugira ngo bazoyisohokemwo bafise ukwidegemvya. (Ibid., page 54) Batumbereza amaso yabo k’Umwami wabo agiye kuza avuye mw’ijuru, akazanana mu bicu kandi afise icubahiro ca se, azanire abagororotsi ibihe vy’ubwami. Aba Walidensi bari bafise ukwizera nk’uko. (Ibid., pages 129-132.) Yohana Wycliffe yabona ivyizigiro vyishengero mu muzo w’Umukiza honyene (Ibid., pages 132-134.)IB 221.2

    Luther yaravuze ati: “Mu vy’ukuri ndabona neza, jewe ubwanje, ko umusi w’urubanza ata myaka amajana atatu yuzuye usigaje. Imana ntishima kandi ntishobora kwihanganira iyi si y’ivyaha igihe kirekire.” “Umusi uhambaye uriko uregereza cane aho ubwami bw’iterasoni buzosamburwa.( Ibid., pages 158,134) Melanchthon we yavuze ati: “Iyi si irashaje kandi iri hafi gushika ku musozo.” Calvin yaremesha abakristo ngo “ntibigere bakekeranya, ahubwo bagirire igishika kidasanzwe umusi w’umuzo wa Kristo, ubabere ikintu kirusha ibindi vyose kubazanira umunezero;” kandi aramenyesha yuko “umuryango wose w’abizera uzokwama uhanze amaso uwo musi.” “Dutegerezwa kwiyumvamwo ko dukeneye Kristo mu buzima bwacu, dutegerezwa kumurondera, tukamutangarira gushika aho uwo musi uhambaye uzoserukira, aho Umwami wacu azohishurira ku buryo bugaragara icubahiro c’ubwami bwiwe.”( Ibid., pages 158, 134.)IB 221.3

    John Knox, umugorozi wo muri Scotland yaravuze ati: ” None Umwami Yesu ntiyinjiranye mw’ijuru uyu mubiri dufise? Kandi ntazogaruka? Turazi ko azogaruka kandi ntazoteba.” Ridley na Latimer, bishwe bahowe ukuri, barabana ukwizera umuzo wa Yesu. Ridley yanditse avuga atir’isi ata gukekeranya - ibi ndavyemera kandi ni co gituma ndabivuga - iriko iregera ku musozo. Ni muze rero, twifatanije na Yohana, umusuku w’lmana, duterere akamo mu mitima yacu tubwira umukiza wacu Yesu Kristo duti, kaze Mwami Yesu, kaze.” (Ibid., pages 151, 145)IB 221.4

    Baxter yaravuze ati: “Ivyiyumviro bijanye n’umuzo w’Umwami ni vyo birusha ibindi kumpimbara hamwe no kunezera. (Richard Baxter, Works, Vol. 17, p.555).” “Ni igikorwa gisaba ukwizera kandi kamere k’abera biwe ni ugukunda umuzo wiwe no kwama bahanze amaso ivyo vyizigiro vy’amahirwe.” “Nimba urupfu ari we mwansi wa nyuma azosenyurwa mu gihe c’umuzuko, vyari bikwiye ko twiga ingene abizera bari bakwiye kwitwararika hamwe no gusengera uwo muzo wa kabiri wa Kristo, aho intsinzi ya nyuma kandi itagabanije izoshikwako. (Ibid., vol. 17, p. 500.) “Uyu ni umusi abizera bose bari bakwiye kwipfuza kubona, bakagira ivyizigiro, kandi bakawurindira nk’uko ari ishitswa ry’igikorwa cose c’ugucungurwa kwabo, hamwe n’ivyipfuzo n’utwigoro twose tw’imitima yabo.” “Mwami, nyarutsa uyu musi w’amahirwe.” (-Ibid., vol. 17, pp. 182, 183.) Ivyo ni vyo vyari ivyizigiro vy’ishengero ry’intumwa, “n’ishengero ryo mu bugaragwa,” mbere n’iry’abagorozi.IB 222.1

    Ubuhanuzi ntibwerekanye gusa ingene Kristo azogaruka n’ikizoba kimuzanye, ariko buranavuga ibimenyetso vyo kuzorabirako kugira ngo tumenye yuko uwo muzo uri hafi. Yesu yaravuze ati: “Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri.” (Luka 21:25) “Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizoba ziriko zirakoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu, ari n’ububasha bwinshi n’ubwiza.” (Mariko 13:24-26) Uku ni ko Yohana yadondoye ikimenyetso ca mbere kizotangurira umuzo wa kabiri wa Kristo: ” Isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubwoya, ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso.” (Ivyahishuriwe Yohana 6:12)IB 222.2

    Ibi bimenyetso vyaragaragaye imbere y’uko ikinjana ca Cumi n’Icenda gitangura. Mw’ishitswa ry’ubuhanuzi, harashitse mu mwaka w’1755 umutigito w’isi uteye ubwoba utari bwigere ubaho. Nubwo uwo mutigito uzwi muri rusangi nka nyamugigima y’i Lisbone, aho siho yagarukiye honyene, barayumvise mu bice bitandukanye vy’i Buraya, muri Afrika hamwe no muri Amerika. Ababa i Greenland, muri Antilles, mw’izinga ry’i Madeira, muri Norvege no muri Suwede, mu Bwongereza no muri Irlande, barayumvise. Aho uwo mutigito w’isi wumvikanye hangana na kilometero kwadarato imiliyoni zitandatu. Muri Afrika, uwo mutigito warankirije ibintu vyinshi nk’uko vyagenze i Buraya. Igice kitari gito ca Algeriya carasenyutse; kandi ikigwati kitari kure cane ya Maroki, carimwo abantu bagera ku bihumbi umunani canke cumi, carazimanganye. Umukuba ukomeye w’amazi warateye ku nkombe za Espanye hamwe n’iza Afrika maze ibisagara birarengerwa kandi ibintu vyinshi birahononekarira.IB 222.3

    Ahantu harushije ahandi kwononekara kubera uwo mutigito w’isi ni muri Espanye na Portugali. I Cadize, biravurwa ko uwo mukuba w’amazi washika ku metero Icumi n’Umunani z’ubuhagararo. Imisozi, “iri muri imwe miremire yo muri Portugali yaranyiganyize bikomeye nk’aho imishinge yayo yoba iriko irasenyagurika; kandi imwe muri yo yariyuguruye uhereye mu gasongero kayo, irasaduka kandi irasabagira ku buryo yarekuye ibitandara binini vy’amabuye bigatembagarira mu masoko ahegereye. Haranabonetse imbeya z’umuriro zisokorotse muri iyo misozi.” (Sir Charles Lyell, Principles of Geology, page 495.)IB 222.4

    I Lisbone, harumvikanye urwamo rw’inkuba mu kuzimu, maze inyuma y’aho bidatevye, umutigito ukomeye cane urasambura igice kinini c’igisagara. Mu kanya gato cane kangana n’iminota itandatu, abantu ibihumbi mirongo itandatu bari bayogeye,. Amazi yo mu kiyaga yabaye nk’ayihinda asubira mw’igezi, asiga inkombe zumutse; hanyuma arisuganya ku buryo yashitse ku burebure bw’igihagararo buruta “metero Icumi na Zitanu ugereranije n’urugero asanzwe ashikako.” “Ikindi kintu cashitse kidasanzwe mu vyabaye i Lisbonne, ico gihe c’ivyo vyago, ni ukuzimangana kw’inyubakwa iteye igomwe yari imeze nk’ikiraro cinjira mu mazi; nta gihe kirekire yari imaze yubatswe kandi yari yubakishijwe amabuye adasanzwe, marijani, yari yatwaye uburyo bwinshi. Abantu batari bake bari bayikoraniyeko kubwo imvo z’umutekano wabo; babona ko ari ikibanza boba barikinzemwo iyo sakamburira yariko irabica bigacika. Ariko mu gihe batari bavyiteze, iyo nyubakwa yaribiye kandi yiibirana n’abantu bose bari bayiriko, kandi nta n’ikiziga na kimwe cabo cigeze kireremba hejuru y’amazi.” (Ibid., page 495.)IB 222.5

    “Iyo nyamugigima yakurikiwe bidatevye n’isenyuka ry’amashengero n’ibigo vy’abihebeye Imana; mu bisanzwe inyubakwa zagutse zose z’ihuriro ry’abantu hamwe n’inzu zirenga ica kane c’izariho, zarasanyutse. Inyuma y’amasaha nk’abiri uwo mutigito ubaye, umuriro wadutse mu bice bitandukanye vy’igisagara, maze uraturira uratongora ikintu cose uhambije imisi itatu yose, ku buryo igisagara cose cahindutse umusaka. Uwo mutigito w’isi washitse mu gihe c’umusi mukuru, aho mu mashengero hamwe no mu bigo vy’abihebeye Imana hari hakoraniye abantu benshi, bake muri bo ni bo barusimvye.” (Encyclopedia Americana, art. “Lisbon,” note (ed. 1831). Ubwoba abantu bari bafise ntibwagira izina. Nta n’umwe yashoboye gukorora amosozi; nticari igihe co kurira. Bose bari bumiwe. Abantu biruka hirya no hino, barengewe n’ivyo babona kandi bahundagaye, bikubita mu ruhanga no mu gikiriza bavuga bati: “Imbabazi! Isi ishitse ku musozo! Abavyeyi bataye abana babo maze biruka biremetse imisaraba iriko ibicapo. Amahirwe make ni uko benshi birutse kurondera ubuhungiro mu mashengero ahari i sakaramentu ryeranda ariko ntaco vyabamariye; abantu ntaco vyabamariye kugumbira uruhimbi: amashusho, abapatiri, hamwe n’abantu basanzwe, bose bazimanganiye hamwe.” Abantu baharurwa kuba baratakaje ubuzima bwabo uwo musi bagera ku bihumbi mirongo Icenda.IB 223.1

    Inyuma y’ivyo, haheze imyaka mirongo ibiri n’itanu, harabonetse ikimenyetso gikurikira cavuzwe mu buhanuzi - izuba n’ukwezi ntibizotanga umuco. Icarushirije gutangaza abantu ni uko igihe uwo mwiza udasanzwe wari gushika cari caramenyeshejwe. Igihe Yesu yariko aganira n’abigishwa biwe ku musozi Elayono, amaze kudondagura igihe kirekire c’ingorane ishengero rizocamwo - imyaka 1260 y’agahamo k’ubupapa, ari nayo yari yavuze ko izogabanywa kugira ngo agahamo gahagarare- yarerekanye ibintu bimwe bizoshika imbere yo kugaruka kwiwe kandi aca aragena n’umwanya ivyo bizobonekerako. “Ariko mur’iyo misi, hanyuma y’ayo marushwa izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo.” (Mariko 13:24) Imisi 1260, nako imyaka 1260, yarangiye mu mwaka w’I798. Hari hamaze guhera imyaka mirongo ibibri n’itanu agahamo biboneka nk’uko kahagaze rwose. Wisunze amajambo ya Kristo, icari gukurikira ako gahamo ryari izuba ritari gutanga umuco. Kw’igenekerezo rya 19 Rusama, 1780, ubu buhanuzi bwarashitse.IB 223.2

    “Ikintu kidasanzwe mu bintu bikunda gushika, ni ikintu gisiga ubwenge, ata nsiguro gifise gushika n’uyu musi, cahawe izina ry’umusi utabonetsemwo umuco wo kw’igenekerezo rya 19 Rusama 1780; uwo musi iri juru tubona ryarirabuye hamwe n’ikirere cose ca Nouvelle Angleterre.” (R. M. Devens, Our First Century, page 89.)IB 223.3

    Uwavyiboneye n’amaso yiwe yari asanzwe aba i Massachusetts atubwira uko vyagenze muri ubu buryo : ” Hakiri kare mugitondo, izuba ryaraserutse riboneka ku buryo bugaragara; ariko nta mwanya munini ryamaze ridatwikiriwe. Ibicu biboneka ko biremereye vyariyegeranije maze bidatevye bitangura kubonekamwo imirongo, inkuba zirasana maze imvura iragwa. Hafi y’isaha zitatu zo mu gitondo, ibicu bidafatanganye cane vyahinduye irangi bihava bisa n’umujumbu canke nk’ibihishiye; kandi isi, amabuye, ibiti, inyubakwa, amazi hamwe n’abantu, vyose vyarahinduwe n’uwo muco udasanzwe wariko urabirasirako. Inyuma y’iminota mike, igicu cirabura kandi kirivye caciye gitwikira ikirere cose c’ijuru uretse gusa agace gato washobora kubona iyo amaso agera. Kandi umwiza cazanye wagira ngo ni uwo isaha zitatu z’ijoro mu gihe c’ici.”IB 224.1

    “Ubwoba,ukwihebura hamwe n’umubabaro vyagenda vyuzura buhoro buhoro ivyiyumviro vy’abantu. Abakenyezi bahagaze mu rwinjiriro baraba ingene ijoro rikwiye akarere kose; abagabo bahagaritse ibikorwa vyabo mu mirima barataha; abari mw’isarumara basizeyo ivyuma vy’abo: umucuzi asohoka mu ruganda, umudandaza areka imeza yiwe. Amashure yarugawe maze abana biruka baja i muhira, bajugumizwa. Ingenzi zari mu rugendo zarondeye aho zoruhukira hazegereye. Umwe wese yaribaza ikigiye kuba. Wamengo igihuhusi rusenyamazu cari hafi kuyogeza isi, canke wagira ngo umusi ibintu vyose bitegerezwa guhera urashitse.IB 224.2

    “Barakije ibishashara; kandi barashigikiye n’umuriro nk’uw’ijoro ritagira ukwezi mu rushana, watuma habona .... Inkoko zasubiye mu nzu zibamwo ziranyegera; inka zakorakoraniye aho bari baziturukirije mu maragiro zitangura kwabira, ibikere vyatanguye kunihira; inyoni zitangura kuririmba indirimbo zazo zo ku mugoroba, kandi n’ubuhungarema bwaragurutse buja guhiga kuko ijoro ryari ribwegereje. Ariko umuntu wenyene niwe yamenye ko ijoro ritari bwagere....IB 224.3

    “Dr Nathanael Wittaker, pastori mw’ishengero ry’igicaniro i Salem yarongoye ibikorwa vyo gusenga mu nzu y’amakoraniro, maze ashikiriza insiguro avuga ko uwo mwiza w’ico gihe cari ikintu kidasanzwe. Abizera barakoraniye no mu bindi bibanza. Ibisomwa bakoresha mu gutegura insiguro wasanga atari ibindi uretse ivyerekana ko uwo mwiza wari ufataniye isano n’ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe.... Inyuma y’isaha zitanu, umwiza wariyongeye cane rwose. (The Essex Antiquarian, April, 1899, vol. 3, No. 4, pp. 53, 54.) Mu gice kinini c’igihugu umwiza wariyongeye mu masaha yo kumurango, ku buryo abantu batashobora gusoma isaha bambaye canke iyimanitse ku gihome, ntibashobora kurya canke ngo bagire udukorwa two muhira borangura, batabanje kwatsa urumuri...IB 224.4

    “Ukuntu uwo mwiza wakwiragiye hose vyari bitangaje. Warashitse ahantu kure mu buseruko nk’i Falmouth. Mu burengero, warashitse kure cane mu ntara ya Connecticut, hamwe no muri Albany. Mu bumanuko, warashitse no ku nkengera z’ibahari; kandi no mu buraruko, barawubonye mu ntara aho imbibe z’Amerika zishika.” (William Gordon, History of the Rise, Progress, and Establishment of the Independence of the U.S.A., vol. 3, p. 57.)IB 224.5

    Uwo mwiza w’umuzitanya wabaye ku murango wasubiriwe, hasigaye isaha imwe canke zibiri ngo bwire, n’ijuru ritagira ibicu, kandi izuba riraseruka, n’aho vyaboneka ko rigitwikiriwe n’igipfungu kiremereye. “Izuba rimaze kurenga, ibicu vyarongeye biratwikira maze haca harirabura bidatevye. Umwiza no muri iryo joro ntiwabuze kuba udasanzwe canke ngo uteze ubwoba nk’uwari wabaye ku murango. N’ubwo ryari ijoro ry’ukwezi, nta kintu washobora kubona udakoresheje urumuri; ururabiye kure canke hafi, rwaboneka nk’uko rutwikiriwe n’umwiza wo muri Egiputa utamenwa n'imishwarara y’umuco.” (Isaiah Thomas, Massachusetts Spy; or, American Oracle of Liberty, vol. 10, No. 472 (May 25, 1780).) Uwavyiboneye n’amaso yiwe ashinga intahe avuga ati: “Sinari kureka kwiyumvira ico gihe yuko ibitanga umuco vyo mw’ijuru bitari vyatwikiriwe n’umwiza utamenwa canke ngo bikurweho, umwiza ntiwari gushobora kungana nk’uko wabonetse.” (Letter by Dr. Samuel Tenney, of Exeter, New Hampshire, December, 1785 (in Massachusetts Historical Society Collections, 1792, 1st series, vol. 1, p. 97). N’aho igihe c’isaha zitatu muri iryo joro ukwezi kwabonetse kwose, ntikwashoboye kugira ubushobozi bukwiye ngo butume uwo mwiza w’urupfu ukamangana. Inyuma y’igicugu hagati, wa mwiza wareyutse, maze aho ukwezi kwatangura kuboneka ubwa mbere, kwari gusa n’amaraso.”IB 224.6

    Mu mateka y’isi, italiki ya 19, 1780 yamenyekanye nk’ “Umusi utwikiriye”. Uhereye mu gihe ca Mose, nta kiringo c’umwiza w’uburemere nk’ubwo ukwiragiye ahantu henshi kandi umaze umwanya muremure wari bwaboneke. Ingene ababibonesheje amaso yabo babivuga, ivyashitse kuri uwo musi si ibindi uretse ibitwibutsa amajambo y’Umwami nk’uko yashikirijwe n’uwavugishwa n’lmana Yoweli, imyaka amajana abiri na mirongo itanu imbere y’uko bishika: “Izuba rizocura umwiza n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubwoba w’Uhoraho.” (Yoweli 2:31)IB 225.1

    Kristo yari yararemesheje abantu biwe ngo bame bitwararika ibimenyetso bijanye n’ukugaruka kwiwe, kandi banezerezwe no kubona ibimenyamenya vyo kuza kw’Umwami wabo bigaragaye. Yavuze ati: ‘Ni mwabona ivyo bintu bitanguye gushika, muzoce mwunamura amaso yanyu maze murabe hejuru kuko ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.” Abari bamukurikiye yabahaye akarorero k’ibiti bishurika mu gihe c’agatasi maze ababwira ati: “Iyo bitoshe murabibona mukamenya ubwanyu yukw’ agatasi kari hafi. N’uko namwe ni mwabona ivyo bibaye muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.” (Luka 21:28, 30, 31)IB 225.2

    Ariko nk’uko umutima wo kwicisha bugufi no kwitanga mu gikorwa mw’ishengero vyari vyasubiriwe no kwishira hejuru hamwe no gukora ibintu kubwo guheza umugenzo, ugukunda Kristo hamwe no kwizera ukuza kwiwe vyari vyaguwemwo n’imbeho yo gukekeranya. Abantu bitwa ko ari abantu b’lmana bari batwawe no kwironderera ivy’isi hamwe n’ibibanezera, ku buryo bari bahindutse impumyi ku vyo Yesu yari yarabashikirije vyerekeranye n’ibimenyetso bijanye no kugaruka kwiwe. Inyigisho yerekeranye no kugaruka kwa Kristo yarirengagijwe; Ivyanditswe bivuga ivy’ukwo kugaruka ntivyahawe agaciro kubwo kubisobanura ukutari kwo, gushika aho, ku buryo bwagutse, vyirengagijwe, baravyibagira. Na cane cane uko ni ko vyari bimeze mu mashengero yo muri Amerika. Umwidegemvyo n’ukugubwa neza vyaboneka mu miryango yose; ukugira inyota y’amaronko no gutunga ibitayega, gutwarwa no kwijukira kurondera amahera, kurazwa ishinga no kuba rurangiranwa hamwe no kugira ubushobozi vyaboneka na cane cane mu bafise ubutunzi, vyatumye abantu batwarwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu buzima biba ari vyo bubakako ivyizigiro vyabo, maze ivy’uwo musi uhambaye aho ivyo tubona vyose bizozimanganira, bavyigiza kure muri kazoza.IB 225.3

    Igihe Umukiza yamenyesha abigishwa biwe ibimenyetso vy’ukugaruka kwiwe, yababwiye ko hazobaho ugusubira inyuma kw’abantu benshi imbere y’uko agaruka. Nk’uko vyabayeho mu gihe ca Nowa, abantu bazorangwa n’ibikorwa vyo kurondera amaronko hamwe no kugwiza ibibanezereza - kugura, kugurisha, guteragira, kwimbura, kurongora canke gushingira - ku buryo bibagira Imana n’ubuzima bwo muri kazoza. Ku babayeho kino gihe, ibi ni vyo Kristo aduhanura: ” Ariko mwirinde kugira ngo imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntuz’ubazeko giturumbuka, nk’umutego. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’umwana w’umuntu.” (Luka 21:34,36)IB 226.1

    Ingene ishengero ribayeho muri kino gihe bishirwa ahagaragara n’amajambo y’Umwami yaduhishuriye ati: “Ufise izina nk’uko woba ukiriho ariko warapfuye.” Abo nabo banka kugira akigoro bakaguma bareze amaboko ngo bafise umutekano, baraburirwa icese muri aya majambo yashikirijwe: “Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma nawe ntuzomenya igihe nzokwubira.” (Ivyahishuriwe Yohana 3:1,3) Vyari bikenewe ko abantu bikangura kugira ngo babone ingorane zibahanze; kugira ngo bashobore guhaguruka bitegurire ibiringo bihambaye vyerekeranye n’ihagarikwa ry’imbabazi. Uwavugishwa nimana abimenyesha ati: “Kuk’umusi w’Uhoraho ari uwuhambaye kand’utey’ubwoba cane: ninde yoshobora kuwihanganira?”(Yoweli 2:11) Ninde azoshobora guhagarara hamwe “Umwami w’inyonga zitunganye zitaraba ikibi, kand’adashobora kwitegereza ivy’inzigo”(Habakuki 1:13), azoba aserutse? Kuri abo bavuga ngo ” Mana yacu, turakuzi” (Hoseya 8:2, 1) ariko bakaba baradohotse mw’isezerano, bakanyaruka gukurikira iyindi mana, bakanyegeza icaha mu mitima yabo kandi bagakurikira inzira zitagororotse - kuri abo, umusi w’Umwami ni: “umwiza si umuco”, “mber’uzoba urnwiza w’umuzitanya, utagira n’agaseso.”(Amosi 5:20) ” Maze ico gihe muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu biraye nka vino yiretse ku mvuzo, bibwira mu mitima yabo bati ari ciza ari kibi Uhoraho ntaco azokora.”(Zefaniya 1:12) “Kandi nzohana ab’isi kubw’ibibi vyabo, n’abanyakibi kubwo kugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ukwishira hejuru kw’abantu b’agaterabwoba nzogusubiza hasi.” (Yesaya 13:11) “Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza.” “Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka” (Zefaniya 1:18, 13)IB 226.2

    Uwavugishwa nimana Yeremiya ariko araba ivyo bihe biteye ubwoba biri imbere yaravuze ati: “Nseserewe mu mutima wanje...sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba n’akaruru k’intambara ! Habuwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi.” (Yeremiya 4:19,20)IB 226.3

    “Uwo musi ni uwuburake, ni umusi w’amagorwa n’amarushwa, ni umusi w’ibitongozi n’imisaka, ni umusi w’umwiza n’ubuzinze inani, ni umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya. Ni umusi wo kwumva inzamba n’akaruru.”(Zefaniya 1:15, 16) “Eh’umusi w’Uhoraho uraje... ng’uhindure igihugu imisaka, ugeseze abanyavyaha baho ngo bagiheremwo.” (Yesaya 13:9)IB 226.4

    Ijambo ryimana riravuga mu majambo atomoye kandi ashika ku mutima ivy’uwo musi uhambaye, rihamagarira abantu bayo kugira ngo bareke guhondobera mu vya Mpwemu ahubwo barondere mu nyonga hayo bihanye kandi baciye bugufi. “Ni muvugirize inzamba I Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje ushitse hafi.” “Ni mushinge igihe co kwisonzesha, mutangaze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza , mukoranye abantu, mweze ikoraniro, mwegeranye abatama, mukoranye abana... umukwe n’asohoke mu nzu yiwe, n’umugeni n’ave mu nkinga. Abaherezi, aribo basuku b’Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro.” “Tsli mu ngarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga; imitima yanyu abe ariyo mutabura, ariko s’impuzu zanyu kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw’ar’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.”(Yoweli 2:1, 15-17, 12, 13)IB 226.5

    Igikorwa gihambaye c’umuvyuro co gutegura abantu kugira ngo bazohagarare ata bwoba ku musi w’Imana, categerezwa kurangurwa. Imana yabonye ko benshi mu biyitirira izina ryayo batari biteguye kuzobaho ibihe vyose, kandi kubwo imbabazi nyinshi zayo, yagomba kubarungikira ubutumwa bw’inkebuzo kugira ngo bubakure mu mugono barimwo maze bubarongore mu mwiteguro w’umuzo w’Umwami.IB 227.1

    Ukwo kugabishwa kuboneka mu Vyahishuriwe Yohana 14. Aha niho dusanga ku ncuro zitatu, ubutumwa bushikirijwe n’abamarayika bo mw’ijuru kandi bukaba bwaciye bukurikirwa ubwo nyene n’umuzo w’umwana w’umuntu, aje kwimbura “ivyamwa kw’isi.” Imburi ya mbere muzashikirijwe yerekeranye n’ukwegereza kw’umusi w’urubanza. Uwavugishwa n’Imana Yabonye umumarayika aguruka “yatiriye ijuru afis’ubutumwa bwiza butazoshira bwo kuburira ababa kw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose, n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana muyihimbaze, kuko igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi.” (Ivyahishuriwe Yohana 14:6,7) ‘ Ubwo butumwa bwashikirijwe ni bumwe mu bugize “Ubutumwa bwiza bwamaho.” Igikorwa co kwamamaza ubutumwa nticahawe abamarayika, ariko cashinzwe abantu. Abamarayika beranda bararangije ibanga ryo gutumbereza ico gikorwa, kuko bari bajejwe integuro zihambaye zironderera umuntu agakiza; ariko abashikiriza ubwo butumwa kw’isi ubu ni abasuku ba Kristo.IB 227.2

    Abantu b’abizigirwa barangwa no kugamburuka ku buryo bari biteguye kwakira vuba Mpwemu w’Imana hamwe n’inyigisho z’ijambo ryayo, bategerezwa gushikiriza isi iyo mburi. Abo nibo batari bafashe minenengwe ijambo ry’ukuri ry'ubuhanuzi, “itara ryakira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro rikageza ah’ikinyenyeri co mugaturuturu kizobandurira.” (2 Petero 1:19) Bamye barondera kumenya Imana kuruta kurondera ubundi butunzi bwose bwoba bunyegejwe, kuko babona ko “inyungu zabwo ziruta iz’ifeza, kand’ivyo bwunguka biruta izahabu zitarimw’inkamba.”(Imigani 3:14). Kandi Umwami yarabahishuriye ibintu bihambaye vy’Ubwami. “Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, azobereka isezerano ryiwe.”(Zaburi 25:14)IB 227.3

    Abantu baminuje mu vy’iyobokamana sibo bahawe ugutahura uku kuri kandi ngo bagire uruhara rukomeye mu kukumenyesha abandi. Iyo baba barabaye abateramyi b’abizigirwa, bakarangurura n’ishaka hamwe no gusenga bariko basesangura Ivyanditswe bari kuba baramenye ko ijoro ryashitse; ubuhanuzi bwari kuba bwarabahishuriye ibiringo bihambaye vyagira bishike kw’isi. Ariko rero, iki kibanza baragisamayeko maze ubwo butumwa buraheza buhabwa abantu baciye bugufi mu bandi. Yesu yaravuze ati: “Ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubiriranirako.”(Yohana 12:35) Abo bose birengagije umuco Imana yatanze, canke bagasamara ntibawurondere ukiri hagati muri bo, basigaye mu mwiza. Ariko Umwami aravuga ati: “Unkurikira ntaho azogendera mu mwiza, ariko azogira umuco w’ubugingo.” (Yohana 8:12) Uyo wese afise intumbero imwe yo kurondera gukora ivyo Imana igomba, akama arangwa n’ishaka ryo gutega amatwi umuco wamaze gutangwa, azoronka umuco urushirijeho kuba mwinshi; azonamurikirwa n’umuco w’inyenyeri zimwe zo mw’ijuru azorungikirwa kugira ngo umurongore mu kuri kwose.IB 227.4

    Mu gihe c’umuzo wa mbere wa Kristo, abaherezi n’abanyabwenge b’Ivyanditswe bo mu gisagara ceranda, bari bahawe kumenya amabanga y’Imana, bategerezwa kuba barimbuye ibimenyetso vy’ibihe maze bakamamaza umuzo w’uwari yarasezeranywe. Ubuhanuzi bwa Mika bwari bwarerekanye neza aho azovukira; Daniyeli yari yarerekanye neza igihe uwo muzo uzobera. Imana yari yamenyesheje abarongozi b’abayuda ubu buhanuzi; rero ntaco kwireguza bari bafise nimba batari bwamenye kandi ngo babwire abantu ko ukuza kwa Mesiya kwari kwegereje. Ubutamenya bwabo yari ingaruka y’icaha cabaranga c’ ukwirengagiza. Abayuda bariko barubaka icibutso c’abavugishwa n’Imana bishwe; mu gihe bunamira abantu bahambaye bo kuri iyi si baba bariko barahesha icubahiro abakozi ba Satani. Kubwo gutwarwa n’irari vyabatera kunyinyuranira imyanya n’ububasha, bahavuye bibagirwa icubahiro c’Imana baronswa n’Umwami w’ijuru.IB 228.1

    Ku buryo bwimbitse hamwe n’ishaka rigaragara berekana, abarongozi ba Isirayeli bari gushobora kugendereza ikibanza, igihe, ibizoshika muri ico kiringo gihambaye mu bindi mu mateka y’isi - ukuza kw’umwana w’lmana kugira ngo acungure umuntu. Abantu bose bategerezwa kuba bararimbuye bakarindira kugira ngo bashobore kuba mu ba mbere bipfuriza ikaze umucunguzi w’isi. Ariko raba i Betlehemu, ingenzi zibiri zirushe zivuye mu mitumba y’i Nazareti, zagendagenze mu mayira yaga yo mu ruhande rw’iburasirazuba bw’igisagara, zirondera ikibanza zoruhukiramwo, zigakikamwo umusaya mw’ijoro, ariko ntizakironse. Mw’iraro ryateguriwe inka, ni ho n’imiburiburi baronse ubwugamo, kandi aho ni ho Umwami w’isi yavukiye.IB 228.2

    Abamarayika bo mw’ijuru barabonye icubahiro umwana w’Imana yari asangiye na se imbere yuko isi iremwa, kandi n’igishika cinshi, babona imbere uguseruka kwiwe kw’isi nk’ikiringo categerezwa kuzanira abantu bose umunezero udasanzwe. Abamarayika bari bagenywe gushikana ubwo butumwa bwiza kuri abo bari biteguye kubwakira kandi bari kubumenyesha banezerewe ababa kw’isi. Kristo yari yemeye kumanuka yambara kamere y’umuntu; yategerezwa kwiremeka umutwaro wari kuba impongano y’i vyaha vyacu. Ariko naho vyari bimeze uko, abamarayika bipfuza ko no hagati y’ubwo bumaramare, Umwana w’Isumba vyose akwiye guseruka imbere y’abantu afise iteka n’icubahiro bikwiranye na kamere yiwe. None abantu bakuru bo muri Isirayeli ntibari gukoranira ku murwa mukuru kugira ngo bamwipfurize ikaze? Ama “legiyo” y’abamarayika ntiyari guseruka bakamushikiriza ikoraniro ryari ryaje kumwakira?IB 228.3

    Umumarayika yaratembereye kw’isi kugira ngo arabe uwoba yiteguye kwakira Yesu. Ariko yarashoboye kubona yuko ata kimenyetso na kimwe kiriho c’uwo mwiteguro. Nta jwi na rimwe yumva ryo gutazira no kwigina y’uko igihe co kuza kwa Mesiya kiri hafi. Umumarayika yarafashe umwanya ahagarara mu gisagara ceranda hamwe no mu rusengero aho Imana yiyerekaniye kenshi mu bihe vyarenganye, ariko na hano nyene uwo muzo abantu ntaco wari ubabwiye. Abaherezi, mu kwishira hejuru no mu kwibona kwabo, bariko barashikana ibimazi bifise agasembwa mu rusengero. Abafarisayo bariko barashikiriza abantu amajambo n’ijwi ryumvikana canke basengera i ruhande y’inzira amasengesho y’ubwishime. Mu birimba i bwami, mu makoraniro y’abahinga mu kwiyumvira; mu mashule y’abigisha karuhariwe, hose nta n’umwe yerekana yuko hari ico anezwe kuri iyo nkuru idasanzwe yatumye mw’ijuru huzura amashimwe n’umunezero - ko umucunguzi w’abantu agomba guseruka kw’isi.IB 229.1

    Nta kintu na kimwe cerekana yuko Kristo bamwiteze; nta myiteguro yahaboneka yo kwakira umuganwa w'ubuzima. Iyo ntumwa yari yavuye mw’ijuru iri hafi yo gusubirayo ijanye inkuru imaramaje, itangaye cane, yaciye ibona umugwi w’abungere bari baragiye ibitungwa vyabo mw’ijoro; kandi igihe bariko barasamarira ijuru ryuzuyemwo inyenyeri, bariko baranaganira ku bijanye n’ubuhanuzi bwa Mesiya yari kuza kw’isi, barajwe ishinga n’umuzo w’umucunguzi w’isi. Aho ni ho honyene hari abantu bari biteguye kwakira ubutumwa buvuye mw’ijuru. Umumarayika w’Umwami ntiyahengeshanije, yaciye abiyereka abamenyesha ayo makuru meza y’umunezero uhambaye. Icubahiro c’ijuru cakwiragiye mu kiyaya hose, abamarayika utoharura igitigiri bariyerekanye; hanyuma nk’aho umunezero wari uremereye rwose ku buryo umuntu umwe wenyene atari kuwiremeka ngo awukure mw’ijuru, amajwi menshi yaciye yumvikana ariko atera ururirimbo ruzoririmbwa umusi umwe, n’amahanga yose y’abazoba bakijijwe, ati “icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mwisi amahoro abe mu b’inezererwa.” (Luka 2:14)IB 229.2

    Mbega ukuntu iyo nkuru ari icigwa gihambaye i Betlehemu! Mbega ukuntu gishira ahabona ukutizera kwacu, ubwibone hamwe no kwibaza ko ataco duhajije bituranga! Mbega ukuntu itugabisha ngo tube maso, kugira ngo ukutitwararika ibintu kwacu ntikube kwodukwegera ngo tunanirwe no gutandukanya ibimenyetso vy’ibihe, vyotuma tutanamenya umusi twagendereweko.IB 229.3

    Ku mitumba y’i Yudaya, no mu bungere baraririye amatungo yabo, si ho honyene umumarayika yasanze abantu bareretse ukuza kwa Mesiya. Mu gihugu c’abapagani n’aho nyene hariho abantu bari bahanze amaso yabo kuri uwo muzo: bari abantu bakerebutse, batunze kandi b’intore, abahinga mu vyiyumviro b’i Burasirazuba. Abo ba Majusi bari abantu bihweza rwose ivyaremwe ku buryo babibonamwo ukuboko kwimana. Bisunze Ivyanditswe vy’Abaheburayo, bari baramenye ko inyenyeri izosohoka mu muryango wa Yakobo kandi bari bayirindiranye igishika kuko itari kuba gusa ‘“ubwiza bw’abantu bayo b’Abisirayeli”, ariko yari no “kuba umuco w’amahanga” (Luka 2:25,32) kugira ngo “n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.”(Ivyakozwe n’lntumwa 13:47) Bari abantu barondera umuco, kandi umuco uvuye ku ntebe yimana waramurikiye inzira y’ibirenge vyabo. Mu gihe abaherezi n’abanyabwenge b'lvyanditswe b’i Yerusalemu, bari bashizweho ngo bacungere kandi bamenyekanishe ukuri, bari batwikiriwe n’umwiza, inyenyeri irungitswe yo mw’ijuru yarongoye izo ngenzi z’abanyamahanga mu kibanza Umwami mushasha yari yavukiyemwo.IB 229.4

    “Yesu kristo azokwongera aboneke ubwa kabiri kuri abo bose bamurondera kandi bamwiteze azanywe no kubakiza.”(Abaheburayo 9:28) Nk’uko vyagenze igihe amakuru meza yo kuvuka kw’Umwami yamenyekana, ubutumwa bwerekeranye n'ukuza kwa kabiri ntibwashinzwe abarongoye abandi mw’ishengero. Barananiwe no kugumana imigenderanire myiza n’Imana kandi baranka kwakira umuco uvuye mw’ijuru; rero ntibari mu mugwi w’abo intumwa Paulo yashize ahabona: “Ariko mweho bene data ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ububire nk’igisuma: kuko mwese mur’abana b’umuco n’abana b’umurango. Nti mur’ab’ijoro cank’ab’umwiza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:4,5)IB 230.1

    Inderetsi zari ku bihome vy’i Siyoni zari gushobora kuba mu bantu ba mbere bari kumenya ayo makuru y’ukuza kw’Umukiza; bari kuba aba mbere badugije amajwi bakamenyesha ko ari hafi; aba mbere bari kuburira abantu kugira bitegurire kuzomusanganira. Ariko bari bibereye mu bibahimbara, barota amahoro n’umutekano, mu gihe abantu bariko bivayanga mu vyaha baryamyemwo. Yesu yabonye Ishengero ryiwe rimeze nka ca giti c’umusukoni kitama, cariko urubabi rwinshi rukirenze, ariko kitagira icamwa na kimwe c’agaciro. Abantu bari bishimiye kuba ari abanyedini gusa mu gihe ariko babuze Mpwemu w’ukuri atuma bicisha bugufi, bigaya, kandi bizera - iyo Mpwemu nayo akaba ari yo yonyene yotuma umuntu yemerwa n’Imana. Mu kibanza c’imigisha y’ubuntu itangwa na Mpwemu habonetse ubwibone, ugukora ibintu kubwo guheza umugenzo, ukwishira hejuru, ukwikunda, ugukandamiza abandi. Ishengero mu gusubira inyuma ryabujije amaso yaryo kuraba ibimenyetso vy’ibihe. Imana ntiyabahevye canke ngo ibure kuguma ari iyizigirwa; ikibabaje gusa ni uko Ishengero ari ryo ryonyene ryiyonkoye ku Mana no ku rukundo rwayo. Kubera yuko ryari ryanse kwisunga ibisabwa no kuvyubahiriza, amasezerano ryari ryarahawe ntiyashikijwe.IB 230.2

    Uko ni ko vyama vyagenze kandi ni navyo bishikira abo bose bafata minenengwe kandi batarondera kuronka ku bwinshi umuco hamwe n’ibindi vyiza vyinshi Imana itanga. Ishengero hamwe ritoba rikurikiranye inzira ryaciriwe kubwo integuro z’Imana, ngo ryemere kwakira umushwarara w’umuco wose rihawe, ngo rirangure amabanga yose ryahishuriwe, idini rica ritera rihindukaa ukumara umugenzo vyonyene kandi agatima gasunitswe na Mpwemu muzima ko kurondera Imana karahenebera. Ukwo ni ukuri kwagiye kuraboneka ku buryo budasubirwako mu mateka y’lshengero. Ico Imana isaba abantu bayo ni ibikorwa bisunitswe n’ukwizera hamwe no kwubaha, biringaniye n’imigisha hamwe n’izindi mpano zitandukanye yabahaye. Ukwubaha bisaba kugira akigoro no kwiremeka umusaraba; kandi iki ni co catumye benshi mu biyita ko bakurikira Kristo banka kwakira umuco uvuye mw’ijuru; kandi uko ni ko vyashikiye Abayuda bo hambere, ntibamenya igihe bagenderewe. Kubera ubwibone bwabo hamwe no kutizera, Umwami yarabarenganye maze ahishurira ukuri kwiwe abo bose bari bazirikanye umuco wose bari bahawe nk’uko vyashikiye abungere b’i Betelehemu hamwe n’abamajusi b’i Burasirazuba. IB 230.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents