Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 22 - Ubuhanuzi Bwashikijwe

    Mu gihe umwanya abantu bari biteze ko Yesu agaruka - mu mutasuro w'umwaka w’ 1844- carengana ataje, abari bamutegeranye ukwizera bagize amadidane, barazazanirwa cane. N’aho isi yababona nk’abantu bakubilitse kubwo kumaramara, no kuba bahurumbiye ibinyoma, isoko yo kubaremesha yakomeje kuba ijambo ry’Imana. Benshi babandanije gusoma Bibiliya bitonze, basuzuma ukwemera kwabo, kandi basubira mu majambo y’ubuhanuzi kugira ngo barabe ko baronka umuco urutaho. Intahe ya Bibiliya ku vyiyumviro vyabo yaragaragaye kw'ariy’ukuri. Ibimenyetso vyagaragaye icese vyerekanye ko ukugaruka kwa Kristo kuri hafi cane. Umugisha udasanzwe w’Umwami haba mu kwihana kw’abanyavyaha canke umuvyuro w’ubuzima mu vya Mpwemu mu ba Kristo, warerekanye ko ubutumwa bari baronse bwari bwaje buva mw’ijuru. Abo bizera ntibashoboye gusobanura impamvu y’icatumye bagira akababaro; ariko rero bamenye yuko Imana yari yabarongoye mu bihe vyarenganye baciyemwo.IB 281.2

    Kubwo kwitwararika ubuhanuzi bizera ko bufitaniye isano n’igihe co kugaruka kwa Yesu, bahavuye basangamwo ivyashikirijwe vyerekeranye ku buryo budasanzwe n’ukwo kuntu bari mu madidane kandi babuze ayo bacira n’ayo bamira; basanze kandi bubaremesha ngo barindire bihanganye mu kwizera kuko ivyari nk’umwiza mu gutahura kwabo vyategerezwa igihe gikwiye kugararagazwa.IB 281.3

    Igisomwa co muri Habakuki 2:1-4 cari muri ubwo buhanuzi. “Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndabe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’amaganya yanje. Maz’uhoraho aranyishura, at’Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu ndome zisomeka, kugira ngo ubisoma anyarutse. Kukw’ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako , ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorere, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba. Raba umutima wawe urikakishije, ntutunganye: arik’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.”IB 281.4

    Mu ntango y’umwaka w’1842, intumbero ubuhanuzi bwari bwashikirije yo « Kwandika ivyerekanywe, bikandikwa ku bisate mu ndome zisomeka, kugira ngo ubisoma anyarutse” yatumye Charles Fitch ashushanya ikarata y’ico gihe cavuzwe mu buhanuzi bwa Daniyeli n’lvyahishuriwe Yohana. Iyo karata Abadventiste benshi (abari biteze ukuza kwa Kristo) bayibona nk’ugushika kw’ivyavuzwe na Habakuki ngo: “Andika ivyo weretswe ku bisate mu ndome zisomeka.” Nta n’umwe yigeze abona yukw’ijambo ry’uguteba ryari ryavuzwe mur’ubu buhanuzi. Ariko bamaze kubabazwa n’uko batabonye uwo bari biteze, insiguro nyayo y’ivyo Vyanditswe yaciye iranguka. “Kukw’ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha naho vyoteba, ubirorere kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.. .Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.”IB 282.1

    Agace k’ubuhanuzi bwo muri Ezekiyeli nako kabereye abizera isoko y’inkomezi n'indemesho: “Maz’ijambo ry’Uhoraho rinzako, riti Mwana w’umuntu uyu mugani n’uw’iki muca mu gihugu c’l Bwisirayeli ngw’imisi iratevye ngo kandi ukwerekwa kwose kurabuze? None rer’ubabwire ut’uku niko Umwami Uhoraho agize.. .uti imisi iregereje n’ivyerekanywe vyose bigira bishike.. ..Nzovuga, kand’ijambo nzovuga rizoshika; ntirizokwongera kurekerwa mu rutendeko ” “Erega ab’isirayeli baravuga ngw’ivyo weretswe bizoshika imisi yigiyeyo, kandi ng’ubura ivy’ibihe bikiri kure. Nuko rer’ubabarire, ut’uku nik’Umwami Uhoraho agize, at’amajambo yanje yose nta narimwe rizosubira kurekerwa mu rutendeko, arikw’ijambo nzovuga rizoshika “( Ezekiyeli 12:21-25,27,28)IB 282.2

    Bamwe bari biteze Yesu baranezerewe cane kuko Yesu yar’azi itanguriro n’iherezo, yarabona ingene urunganwe ruzokurikirana, akabona n’ingene bazobabara, araheza abaha amajambo yo kubahumuriza no kubaremesha. Iyo hataba imirongo nk’iyo muri Bibiliya ,ngo ibereke yukw’inzira bari baciyemwo yari yo, ukwizera kwabo kuba kwaragabanutse mur’ico gihe c’akababaro.IB 282.3

    Umugani w’inkumi cumi nk’uko uboneka Muri matayo 25 ufitaniye isano n’ivyashikiye abari bategereje ukugaruka kwa Yesu. Mu gice ca 24 ca Matayo, aho Yesu yatanga inyishu ku kibazo c’abigishwa biwe cerekeranye n’ikimenyetso c’ukugaruka kwiwe hamwe n’umuhero w’isi, Kristo yari yashize ahabona bimwe mu bintu bihambaye bizoboneka mu mateka y’isi n’ayo ishengero utanguriye ku kuza kwiwe kwa mbere ugashika ku kugaruka kwiwe; navyo vyari ibi: “ugusambuka kwa Yerusalemu, amagume adasanzwe ishengero ryaciyemwo mu gihe c’agahamo k’abapagani hamwe n’ako aba papa; ukudatanga umuco kw’izuba n’ukwezi, hamwe n’ugukoragurika kw’inyenyeri.” Inyuma y’ibi yavuze ivyo ukuza kw’ubwami bwiwe, kandi abifatanya n’umugani w’imigwi ibiri y’abasuku barindiriye uguseruka kwiwe. Igice ca 25 ca Matayo gitangurana n’aya majambo : « Ico gihe ubwami bwo mw’ijuru buzosa n’inkumi cumi”(Matayo 25 :1) Hano yerekana ishengero ribayeho mu misi ya nyuma, ni naryo rivugwa mu majambo asozera igice ca 24 ca Matayo nyene. I vyabaye kuri abo bari biteze ukugaruka kwa Kristo bimeze nk’ibigirwa mu bukwe bwo mu bihugu vyo mu Buseruko bimwe bimwe.IB 282.4

    Ico gihe ubwami bwo mw’ijuru buzosa n’inkumi cumi zajanye amatara yazo zija gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju abandi batanu bari abanyabwenge. Kuko vya bijuju mu kujana amatara yavyo, bitajananye n’amavuta. Ariko abanyabwenge bo bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo. Umukwe agitebaganye bose barahunyiza barasinzira. Mu gicugu humvikana urwamo ngo nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. (Matayo 25: 1-6)IB 282.5

    Ukuza kwa Kristo nk’uko kwamenyeshejwe n’umumarayika wa mbere, abizera bo mu mwaka wa 1844 bagutahuye nk’uko kugereranywa n’ukuza kw’umukwe. Ukuntu hirya no hino habayeho umuvyuro udasanzwe kubera ugukwiza ubutumwa bw’ukugaruka kwiwe vyagereranijwe n’izo nkumi cumi zagiye gusanganira umukwe. Muri uyu mugani, nk’uko kandi biboneka mu mugani wo muri Matayo 24, habonekamwo imigwi itandukanye ibiri y’abantu. Bose bari bafashe amatara yabo, Bibiliya,kandi kubwo kumurikirwa nayo baja gusanganira umukwe. Ariko mu gihe “Abari ibijuju mu kujana amatara yavyo, batajananye n’amavuta”, “Abanyabwenge bo bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo” (Matayo 25:3,4). Uyu mugwi wa nyuma wari waronse ubuntu bw’Imana, ubushobozi bwa Mpwemu yera bunagura kandi bugatanga umuco ukuwe mw’ijambo ryayo riba itara rimurikira ibirenge n’umuco umurikira inzira. Mu gutinya Imana bari bize Ivyanditswe bagomba kumenya ukuri, kandi bari barondeye bashimitse gutyororwa kw’imitima yabo n’ubuzima bwabo. Aba bari bashikiwe n’ibihe bidasanzwe bituma barushiriza gukomera mu kwizera Imana n’ijambo ryayo, ku buryo batari gushobora no gucika intege kubwo gushikirwa n’ivyo batari biteze canke uguteba. Abandi bafashe amatara yabo ariko bibagira amavuta yo kuyashiramwo. Bari basunitswe n’ikigumbagumba gusa. Bari bagize ubwoba kubwo ubutumwa bari bumvise ariko bari bubatse ku kwizera kw’abavandimwe babo, banezezwa gusa n'umuco udakomeye bumva ko bafise kubwo ibigumbagumba, ata gutahura kwuzuye kw’ukuri bafise canke ngo imitima yabo ibe yatunganijwe n’igikorwa c’ubutumwa bwimana. Bano rero bari bagiye gusanganira Umwami, buzuye ivyizigiro ko baca baronka impera ako kanya, ariko ntibari biteguriye ko umukwe yocererwa canke ko bacika intege. Ingorane zishitse, ukwizera kwabo kwarahungabanye kandi n’umuco wabo ntiwasubiye kubonesha.IB 283.1

    “Umukwe agitebaganye bose barahunyije barasinzira”. Ugutebagana kw’umukwe kugereranya ukurengana kw’igihe bari biteze umwami ko ashika, ugucika intege no kugaragara ko yatevye. Muri ico gihe co kudidanirwa, ukwizera kudashimitse kw’ababayoboka n’abantu bihanye ntibashitse kwatanguye guhungabana, maze bagira akigoro mu kurondera kwiyorohereza; ariko abo ukwizera kwabo kwari kwubatse ku bumenyi bafise bwa Bibiliya, bari bahagaze ku gitandara kitanyiganyiga, kitashobora guhungabanywa n’imikuba yo gucika intege. “Bose barahunyije barasinzira”; umurwi umwe utitwararitse ukwizera kwawo uruhira kukureka; uwundi nawo urindira wihanganye gushika aho umuco utomoye wategerezwa gutangwa. Ariko rero muri iryo joro ry’ingorane, uyo murwi wa nyuma wari umeze nk’utakaje ishaka n’ukwitanga wari ufise. Abafise ukwizera kudashitse kandi kw’imirenzako nti vyari bigishoboka ko bubakira ku kwizera kw’abavukanyi babo. Umwe wese ategerezwa gushikama ku giti ciwe canke akagwa.IB 283.2

    Ni muri ico gihe hatanguye kuboneka ukwemera ibintu kubw’ikigumbagumba hatabanje kubaho ukurimbura. Bamwe mu bari bigeze kwerekana ko ari abizera b'ishaka bemera ubwo butumwa barahevye ijambo ryimana kandi ari yo ndongozi itihenda kandi, n’ubwo bavuga ko barongowe na Mpwemu, bahavuye babiheba maze bisunga ivyipfuzo vyabo, ibibanezereje n’ivyo biyumvira. Hariho n'abandi mu buhumyi berekanye ishaka ritarimwo ubwenge, batihanganira uwo wese yanka kubakurikira. Ivyiyumviro vyabo bitarimbuye hamwe n’ivyo bakora ntivyigeze birabwa neza canke ngo bishigikirwe n’umurwi munini w’abantu bari bategereje ukugaruka kwa Kristo ariko ivyo ntivyabujije ko batera iceyi igikorwa c’ukuri.IB 283.3

    Satani yariko ararondera muri ubwo buryo kurwanya no gusambura igikorwa c'Imana. Abantu ku buryo budasanzwe bari baregeye kubera ubwo butumwa bwo kugaruka kw'Umwami, abanyavyaha ibihumbi n'ibihumbi bari bavavanuye na vyo kandi abantu b'abizigirwa bari bamaze kwihebera igikorwa co kwamamaza ukuri, mbere no mu gihe vyaboneka ko hariho ugutebagana. Umuganwa w’ikibi abayoboke biwe bariko baramuherako kandi mu ntumbero yo kuzana agasembwa ku gikorwa c’ I mana, yarondeye kubesha bam we mu berekanye ko bizera, ntibashobora kurimbura ikintu n'ikindi ariko barenza urugero muvyo bakora. Aho rero ibikoresho vyiwe vyama vyiteguye gusimbira ku gakosa kose, ukunanirwa na kumwe, akantu kose gakozwe mu buryo atari bwiza maze bakabizana imbere y'abantu barengeje urugero, kugira ngo bakoze isoni abategereje hamwe n’ukwizera kwabo. Muri ubwo buryo, uko yashobora kuzana abantu benshi bihanye umurenzako bakamera nk’uko bakiriye ubwo butumwa bw’ukugaruka kwa Yesu kandi bakaboneka nk’uko babereye kukumenyesha abandi, ni nako vyamugirira akamaro kuko yarushirizaho kwizizira imitima yabo.IB 284.1

    Satani ni “Umurezi wa bene data”; kandi ako niko gatima abantu bari bafise aho wasanga bitwararika kuraba amakosa n’utunenge tw’abantu b'Imana akaba ari vyo ashira hejuru, maze ivyiza bakora akavyirengagiza ntagire n’ikintu na kimwe abivugako. Nta gihe na kimwe aba yicaye iyo Imana iba iriko irakora mu ntumbero yo gukiza abantu. Iyo abana b'Imana barengutse imbere y’Umwami, Satani nawe arengukana nabo. Mu gihe cose c’ivugurura, aba yiteguye kuzana abantu bafise imitima itanyuzwe hamwe n’ivyiyumviro bidatomoye. Iyo bano bagize ingingo zimwe z’ukuri bemera, maze bakifatanya n’abizera, aca abakoresha kugira ngo batangure binjize inyigisho zo kuzimiza abatazi ukuri. Nta muntu n'umwe aboneka ko ari umukristo kubera ko ari kumwe vyonyene n'abana b’Imana naho yoba ari mu rusengero canke i ruhande y’imeza y’Umwami. Satani yama kenshi ari ahantu nk’aho yihanze mubo ashobora gukoresha nk'abayoboke biwe.IB 284.2

    Umutware w’umwiza yama ashaka kunyaga agace k’isi ako ari ko kose abana b'Imana baba bamaze kwigarurira mu rugendo rwabo batumbereye igisagara co mw’ijuru. Mu mateka yose y’ishengero, nta gihe na kimwe c'ubugorozi cabayeho kitahuriranye n’ingorane zikomeye. Uko ni ko vyari bimeze mu gihe ca Paulo. Aho hose intumwa zatanguza ishengero, hamwe hariho abantu bamwe berekana ko bakiriye ukuri, ariko ugasanga bazanye inyigisho atari zo, ku buryo, iyo bazemera, zari gutuma ugukunda ukuri kuzimangana. Na Luther nawe yarahuye n'amadidane akomeye hamwe n’agahinda kubera abantu batarimbura ikintu n’ikindi bemeza ahubwo ko Imana yabavugiyemwo, kandi rero kubera ivyo, bishiriraho ivyiyumviro n’ivyo bemera bakabirutisha Ivyanditswe. Benshi bari batarahingurwa mu kwizera no mu gukomezwa n’ibihe baciyemwo, ariko ugasanga bazi neza ko bikwije kandi ataco bahajije, kandi bagahimbarwa no kwumva canke kuvuga ibintu bishasha; wasanga baguye mu mutego w'abigisha bashasha, kandi barifatanya n’abo Satani akoresha mu gikorwa ciwe co gusambura ivyo Luther yari yubatse. Kandi Yohana na Charles Wesley, hamwe n'abandi bahezagiye isi kubwo ubwaku bayigizeko bahuye, ku ntambuko yose bagize, n’ibitero vya Satani mu gutuma haboneka abantu berekana ishaka rirenze urugero badafise ishimikiro kandi batagira ikibashimisha, batwawe n’agatima ko kwemera ibintu vyose hatarinze kugira ico barimbura na kimwe.IB 284.3

    William Miller ntiyigeze yihanganira inyigisho nk’iyo yashikanye abantu aho batarimbura ikintu n'ikindi. Nawe nyene yavuze nk’ivyo Luther yari yarashikirije ati: “Mpwemu yose ibwirizwa gushirwa ku munzane w’ijambo ry’Imana”. Miller yarongeye aravuga ati: “Umubi afise ubushobozi buhambaye ku bwenge bw’abantu bamwe muri kino gihe. None tuzomenya mpwemu ibakoresha ari iyihe?” Bibiliya irishura: “Muzobamenyera kuvyo bama.. ” “Muri iyi si harimwo mpwemu nyinshi kandi turasabwa kuzigerageza. Mpwemu itaturarikira kubaho twigerera, turondera ubugororotsi kandi twubaha Imana muri iyi si ntaba ari mpwemu ya Kristo. Ndemera cane rwose ko Satani afise vyinshi vyo gukora bituma abantu bagira ivyiyumviro vyo kwikwegerako.... Benshi muri twebwe bibwira ko bamaze gutunganywa rwose, ni abantu bariko barakurikira imigenzo y’abantu, kandi ku buryo bugaragara nta kuri baramenya, bameze nk’abandi ata n’ico mbere berekana ko bazi.” (Bliss, pages 236, 237). Mpwemu w’ikinyoma azoturongora kure y’ukuri; ariko Mpwemu w’Imana azoturongora mu kuri. Ariko murashobora kuvuga ko umuntu yoba ari mu kinyoma akibwira ko ari mu kuri. None ivyo ni ibiki? Turishura tuti: “Mpwemu n’ijambo biruzuzanya. Nimba umuntu ubwiwe yishize ku munzane w’ijambo ry’Imana maze agasanga hariho uburinganire bw’ijambo ryose ry’Imana, aho rero arashobora kwizera ko afise ukuri; ariko hamwe yosanga mpwemu imurongora ihushanije n’Ivyanditswe vyose mu mategeko y’Imana canke mu gitabo cayo, niyiyubare hamwe atoba ashaka kurwa mu mitego ya Satani. (The Advent Herald and Signs of the Times Reporter, Vol. 8, no 23, [Jan. 15,1845] ) Kenshi na kenshi icambereye ikimenyamenya c’umwitwarariko w’ivy’Imana ni indabo itarimwo igipfungu, ni amatama ariko akorokerako amosozi hamwe n’ijwi ryuzuye ikigumbagumba kuruta urwamo rwose rw’abakristo. (Bliss, pages 282).IB 285.1

    Mu misi y’ubugorozi, ababurwanya bagirije ibibi vyose vyo kutarimbura ikintu n’ikindi abo nyene bakora uko bashoboye kugira ngo biyamirize ivyo bibi. Ivyo ni vyo vyanashikiye abarwanya ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu. Nk’uko kuvuga ibintu uko bitari canke kurenza urugero mu kwerekana amakosa y’abatarimbura ikintu n’ikindi canke barenza urugero iyo bagize ico bakora bitari bihagije, wasanga bakwiza ibihuha n’insaku bitagira inshingiro. Abo bantu nta kindi cabasunika uretse agatima k’urwanko no kugirira nabi abandi. Bumva babuze amahoro ku bwo kwamamaza ubutumwa bw’uko Kristo ari ku rugi. Baratinya ko bitegerezwa kuba ari ukuri, ariko bagapfana ikizeze ko atari vyo, kandi iri ni ryo ryari ibanga ryabo mu kurwanya abategereje ukugaruka kwa Yesu hamwe n’ukwizera kwabo.IB 285.2

    Kubona abantu bake batarimbura ibintu n’ibindi barabonetse mu murwi w’abategereje, ntibihagije ngo ube woca uvuga ko ico gikorwa co kwamamaza ukugaruka kwa Yesu kitari kivuye ku Mana nk’uko ukuboneka kw’abantu batarimbura ikintu n’abahenda abandi mw’ishengero mu gihe ca Paulo, mbere no mu misi ya Luther, bitari bihagije ngo bitume igikorwa bakoze bagicirako iteka. Abantu b’Imana ni mubareke bikangure bave mw’itiro barimwo maze bafise ishaka ryinshi batangure igikorwa co kwihana n’ubugorozi; ni mubareke barondere mu Vyanditswe kugira ngo batahure ukuri nk’uko kuri muri Kristo; ni mubareke bitange rwose bishikanire Imana, ibimenyamenya bibereke ko Satani ariko arakora kandi ko agavye, ntibizoteba kuja ahabona. Akoresheje ubuhendanyi bwiwe bwose, azokwerekana ubushobozi bwiwe, ahamagarire kumufasha abamarayika baguye bo mu bwami bwiwe.IB 285.3

    Ukwamamaza ukugaruka kwa Yesu si kwo kwatumye habaho ukutarimbura ikintu n’ikindi hamwe no kwicamwo ibice. Ivyo vyashitse mu gatasi k’umwaka wa 1844, igihe abategereje bari badidaniwe no gukekeranya hamwe no kutamenya neza ingene bohagarara. Ukwamamaza ubutumwa bw’umumarayika wa mbere hamwe “n’akamo ko mu gicugu” vyari vyashoboye guhwamika ukutarimbura ibintu n’ibindi hamwe no kwicamwo ibice. Abagize uruhara mu kuvuga ubwo butumwa no kumenyekanisha ako kamo bose basenyera ku mugozi umwe; imitima yabo yari yuzuye urukundo umuntu wese afitiye uwundi kandi hamwe n’urwo bafitiye Yesu Kristo, uwo bari biteze kubona vuba. Ukwizera kumwe, ukugira ivyizigiro vy’amahirwe bimwe, vyabashize hejuru aho ubwaku bw’umuntu butobagirako ubushobozi, kandi vyababereye inkinzo ku myampi ya Satani.IB 286.1

    “Umukwe agitebaganye bose barahunyiza barasinzira. Mu gicugu humvikana urwamo ngo nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo » (Matayo 25: 5-7). Mu gatasi k’umwaka wa 1844, hagati na hagati y’igihe hari habanje kwiyumvirwa ko imisi 2300 izoherana naco, hamwe no ku mutasuro w’uwo mwaka nyene, aho bari bahavuye basanga ico kiringo kizoshika, Ubutumwa babushikiriza bakoresheje amajambo nk’uko aboneka mu Vyanditswe : “Umukwe nguriya araje”.IB 286.2

    Icashikanye abantu kuri iki gikorwa c’ukwamamaza ukugaruka kwa Yesu ni ukuba basanze hariho itegeko Umwami Aritazeruzi yatanze y’uko Yerusalemu yosanurwa. Igihe iryo tegeko ryasohorewe ni co cabaye intango ya ca kiringo c’imisi 2300, cahuriranye n’urushana rw’umwaka wa 457 imbere y’ukuvuka kwa Kristo. Ntihari mu kwezi kwa mbere gutangurira umwaka nk’uko bavyiyumvira ubwa mbere. Dufashe ko ico kiringo catanguye mu rushana rw’umwaka wa 457, ni ukuvuga rero ko imyaka 2300 yaheze mu rushana rw’umwaka wa 1844.IB 286.3

    Ibimenyamenya biboneka mwisezerano rya kera navyo nyene vyerekana ko mu rushana ariho ivyerekeranye n’“uguhumanura ahera cane” vyategerezwa gushika. Ibi vyashizwe ahabona neza kubera ko habayeho kwihweza ido n’ido uburyo ivyerekeranye n’ukuza kwa mbere kwa Kristo kwagenze.IB 286.4

    Ugukerera umwagazi wa Pasika cari ikimenyamenya c’urupfu rwa Kristo. Paulo aravuga ati: “Kuk’umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzweko ikimazi, ari we Kristo” (1 Ab'lkorinto 5: 7). Umushuzo w’ivyeze imbere y’ibindi bazungagiza imbere y’Umwami mu gihe ca Pasika , wagereranya ukuzuka kwa Kristo.Paulo ariko aravuga ivy’ukuzuka kw’Umwami n’ukw’abiwe bose, agira ati: “Kristo ni we mushuzo; maz’aba Kristo, bazobonerwa bazuke, ah’azozira” (1 Abikorinto 5: 23). Nk’uko umushuzo bawuzungagiza, ukaba nawo wari ugizwe n’imbuto zera imbere y’uko igihe c’iyimbura rusangi rishika, Kristo ni we mushuzo w’iryo yimbura ridapfa ry’abacunguwe bazokwegeranirizwa mu bigega vyimana mu gihe c’umuzuko kiri imbereIB 286.5

    Ico ibi bigereranyo vyatanga nk’imburi carashikijwe kandi cashitse mu mwanya wari wagenywe. Ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa mbere kw’Abayuda, umusi nyene n’ukwezi umwagazi wa Pasika wakererwako mu gihe kirekire kingana n’ibinjana icumi na bine, Kristo amaze gusangira n’abigishwa ivya Pasika, yaciye ashinga ko uwo musi ugirwa umusi mukuru bazokwama bibukirako urupfu rwiwe “nk’umwagazi w’Imana, we akura ivyaha vy’abo mw’isi.” Iryo joro nyene, abagizi ba nabi bamushoyeko amaboko, maze baramumanika ku musaraba, baramwica. Kandi nk’ikigereranyo c’umushuzo bazungagiza, Umwami wacu yarazuwe mu bapfuye ku musi ugira gatatu, “umushuzo w’abasinziriye”, urufatiro rw’aberanda bose bazozuka, abo bose “umubiri w’ubufafara” uzohindurwa, kandi “uzoshushanywa n’umubiri w’ubwiza bwiwe.” (1 Ab’Ikorinto 5: 20; Ab’I Filipi 3:21)IB 287.1

    Ni muri ubwo buryo n’ibigereranyo bitumbereza ku kugaruka kwiwe bitegerezwa gushitswa nk’uko igikorwa kibibura cavyerekanye. Mu gihe ca Mose, uguhumanura ahera cane canke umusi mukuru w’impongano, washika ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’indwi kw’Abayuda, aho umuherezi mukuru yaba amaze gutangira impongano Abisirayeli bose, gutyo akaba yigije kure y’ihema ivyaha vyabo, yaca aseruka maze agahezagira abantu. Rero uko ni ko abantu bari bizeye ko Kristo, umuherezi wacu mukuru, ari buseruke kugira ahumanure isi mu gusambagura icaha hamwe n’abanyavyaha, maze agahezagiza ukudapfa abantu biwe bamurindiriye. Umusi ugira cumi w’ukwezi kw’indwi, umusi mukuru w’impongano, igihe co guhumanura ihema ryera, cahuriranye n’igenekerezo rya 22 z’ukwezi kwa gitugutu mu mwaka wa 1844, bawubona nk’uwo Umwami yari kugarukirako. Ibi vyari bifitaniye uburinganire n’ibimenyamenya vyamaze gushirwa ahabona ko imisi 2300 izoherana n’urushana; kandi ntivyari vyoroshe guhakana ivyo bari bashitseko .IB 287.2

    Nk’uko tubibona mu mugani w’inkumi cumi, wo muri Matayo 25, igihe co kurindira no guhunyiza cakurikiwe n’igihe co guseruka kw’umukwe. Ibi vyari biringaniye neza ugereranije ibimenyamenya vyari vyarashikirijwe haba mu buhanuzi canke mu bindi bigereranyo vyabura ico kiringo. Ivyo bimenyamenya vyarerekana ku buryo budasubirwamwo ko ari ukuri; kandi “akamo ko mu gicugu” kavugijwe n’abizera ibihumbi n’ibihumbi.IB 287.3

    Ivyabaye bimeze nk’umukuba w’amazi wiyunguruza mu kiyaga gushika naho usenyanira kw’isi. Kuva mu gisagara uja mu kindi, kuva mu kigwati uja mu kindi kandi no mu turere two hagati mu gihugu, ubwo butumwa ntaho butashikanywe gushika aho abantu b’Imana bari barindiriye bose bikangura. Ugushigikira ibintu hatabayeho ukurimbura ikintu n’ikindi vyarazimanganye imbere y’iryo yamamazwa ry’ukugaruka kwa Kristo nk’uko urubura rushonga imbere y’imishwarara y’izuba rirashe. Abizera babonye ivyo bahora bakekeranya n’amadidane bari bafise bikamanganye, maze imitima yabo yuzuzwa ishaka hamwe n’ivyizigiro. Igikorwa cari camaze kuvavanura n’inyifato ndengarugero ikunze kuboneka igihe cose abantu bafashwe n’ikibabarwe kidacungerewe n’ubwaku bw’ijambo ry’Imana. Ibihe bari bagezemwo vyari bifitaniye isano n'ibiringo vyo guca bugufi no kugaruka kw’Umwami wasanga mu bwoko bw’abisirayeli kera vyaza bikurikira ubutumwa bwo guhambarira abantu Imana yarungikana abasuku bayo. Ivyo bihe vyari bifise akaranga bisangiye n’igikorwa c’Imana mu myaka yose. Umunezero ujanye no kwishimiriza wari muke, ahubwo hariho ukurimbura kwimbitse ibiri mu mutima, kwatura ivyaha, hamwe no kuvavanura n’isi. Kwitegurira gusanganira Umwami ni wo wari umutwaro w’imitima iriko iranihagira. Hariho ugushishikara gusenga hamwe n’ukwiyegurira Imana utiziganije.IB 287.4

    Ariko arerekana ukuntu ico gikorwa cagenze, Miller avuga ati: “Ntihariho ukwerekana umunezero udasanzwe: ni ukuvuga ko nk'uko bimeze, urindirijwe igihe kiri imbere, aho ijuru n’isi bizokwerekanira hamwe umunezero utagira uko wowuvuga kandi wuzuye icubahiro. Nta gukoma amashi kwumvikana: uko nakwo gutegekanijwe nyene kuzorangurwa humvikanye akamo kavuye mw’ijuru. Abaririmvyi bari mu gacerere barindiriye kwifatanya n’imirwi y’abamarayika, abaririmvyi bo mw’ijuru... Nta vyiyumviro bivuguruzanya biriho: “abantu bose bahuje umutima n'inama”. (Bliss, pages 270,271)IB 288.1

    Uwundi muntu yagize uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza ubutumwa bwo kugaruka kwa Kristo ashinga intahe avuga ati: Ubwo butumwa bwatumye ahantu hose habaho ukwisuzuma mu mitima no kwicisha bugufi imbere y’Imana yo hejuru mw’ijuru. Bwatumye habaho kuvavanura n’ivy’isi, gutorera umuti ibibazo abantu batumvikanako hamwe n’inzankano, ukwemera amakosa, uguca bugufi imbere y’Imana, ukwicuza, ukwinginga Imana n’umutima ureretse urondera imbabazi hamwe no kwemerwa. Bwatumye kandi habaho kwiyambura inarije no guhwekera imbere y’Imana ku rugero tutari bwigre tubona. Nk’uko Imana yabigenye ibicishije kuri Yoweli, igihe umusi uhambaye w’Uhoraho uzoba wegereje; bwatumye abantu batabura imitima yabo “aho gutabura impuzu” kandi bagaruka ku Mwami, mu kwisonzesha, mu kurira hamwe no kuboroga. Nk’uko Imana yabivuze ibicishije kuri Zekariya, Mpwemu w’ubuntu n’ukwinginga yari yasutswe ku bana bayo; amaso yabo bayatumbereje kuwo bacumise, hariho ikigandaro gihambaye mu gihugu... kandi abari barindirye Umwami baribabaje imitima imbere yiwe.” (Bliss, in Advent Shield & Review, Vol. I, page 271, [January, 1845]).IB 288.2

    Uhereye mu misi y’intumwa, nta kuza na kumwe gufitaniye isano n’idini kwari bwaboneke kudatwikiriwe n’utunenge tw’abantu hamwe n’ububeshi bwa Satani nk’ukwabaye mu gatasi ko mu mwaka wa 1844. Mbere n'ubu inyuma y’ikiringo c’imyaka itari mike, abantu bose bagize uruhara muri ico gikorwa kandi bahagaze bashikamye ku mushinge w’ukuri, baraciyumvamwo ubwaku bwa Mpwemu yera kuri bo, kubw’ico gikorwa gihezagiye, kandi barashinga intahe ko cari igikorwa gikomoka ku Mana.IB 288.3

    Mu gihe humvikana ijwi rimenyesha ngo umukwe ashitse: ni musohoke kumusanganira; abari bamurindiriye barikanguye maze batunganya amatara yabo; barize ijambo ry’Imana babikorana ishaka n’umwete bitari bwigere bibaho. Abamarayika barungitswe n’ijuru gukomeza abo bose bari bacitse intege no kubategurira kwakira ubutumwa bw’ukugaruka kwa Yesu. Igikorwa nticatsimbataye kubwo ubukerebutsi canke ubumenyi bw'umuntu, ariko cakomejwe n’ubushobozi bw’Imana. Ababaye aba mbere kwumva no kwakira umuhamagaro si abantu barusha abandi ingabire, ahubwo bari abarusha abandi ukwicisha bugufi no kwitanga. Abarimyi barekeye ibiterwa vyabo mu mirima, abakanitsi bashize hasi ibikoresho bahorana, maze buzuye amosozi n'umunezero basohoka kwamamaza imburi. Abari barongoye abandi mu vya Mpwemu ni bo babaye abanyuma mu kwitabira iki gikorwa. Muri rusangi, amashengero yarugaye amarembo yayo ngo ubutumwa ntibuyashikire, kandi abantu benshi bakiriye ubu butumwa barasohowe muri yo. Mu nteguro z’Imana zitamenywa n’abantu, ukwo kwamamaza ubwo butumwa kwahuriranye n’ubutumwa bwa marayika wa kabiri maze bitera intege ico gikorwa.IB 288.4

    Ubu butumwa ngo”nguriya umukwe araje” nticari ikibazo co guharirako cane, kuko ibimenyamenya vy’ijambo ryimana vyarumvikana kandi bitomoye. Ubwo butumwa bwari buherekejwe n’ubushobozi budasanzwe bwakora ku mitima y’abantu. Nta gukekeranya kwariho, nta n'ibibazo. Igihe Yesu yinjirana iteka i Yerusalemu, abantu bari bakoranye bavuye mu mihingo y’igihugu itandukanye baje kuninahaza umusi mukuru wa Pasika, basanze bifatanije n’isinzi ry’abandi bariko berekeza ku musozi Elayono, kandi kubera ko bari bifadikanije n’abo bantu bariko bagendanira Yesu muri uwo mwanya, ntibaretse kwifatanya n’abandi batera akamo ngo “Hashemezwe uje mwizina ry’Uhoraho” (Matayo. 21:9). Uko ni ko n’abizera bitabiriye ku bwinshi amakoraniro y’abategereje ukugaruka kwa Yesu. Bamwe kubera amatsiko barondera gusa aho bokwuririra kugira ngo babatyoze - bose bashitsweko n’ubushobozi bw’ubwaku bw’ubu butumwa: “Nguriya umukwe araje”.IB 289.1

    Muri ico gihe hariho ukwizera Imana yishura - ukwizera guha agaciro impera umuntu aronka. Nk’amama y’imvura agwa kw’isi yagadutse, Mpwemu w’ubuntu yaramanukiye ku bamuronderana ishaka. Abari biteze guhagararana vuba n’uwabacunguye bumvise bafise umunezero ubonekera bose kandi ntoshobora gusobanura. Ubushobozi bwa Mpwemu yera bwarakoze ku mitima, burayityorora mu gacerere kubwo imihezagiro yatangwa mu buryo bwagutse, igahabwa abizera b’abizigirwa.IB 289.2

    Mu bwitonzi kandi ku mugaragaro, abakiriye ubutumwa bashitse mu gihe bari biteze gusanganira Umwami wabo. Uko bukeye, igikorwa ca mbere bitwararika cari ico kurondera ikimenyamenya ko bemerwa nimana. Imitima yabo yari ishize hamwe kandi barasenze cane basengana n’abandi kandi basengeranira. Barahura kenshi mu bibanza vyitaruye kugira ngo babonane nimana, kandi amajambo yabo yinginga yaduga agashika mw’ijuru avuye mu mirima canke munsi y’ibiti aho bakoraniye. Kuronka ikimenyamenya ko bemewe n’umukiza ni vyo vyari bibaraje ishinga kuruta ingaburo bari bakeneye ku musi ku musi. Kandi iyo igicu catwikira ivyiyumviro vyabo ntibahema batarabona ko ceyutse. Uko bagenda bumviriza igishingantahe c’ubuntu bubohora, baca barushirizaho gukumbura kubona uwo imitima yabo ikunda.IB 289.3

    Ariko n’aho nyene bari barindiriwe no kwongera kugwa mu gahundwe. Igihe co kurindira cararenganye kandi Umukiza wabo ntiyagaruka. Bari biteze ukuza kwiwe bafise ivyizigiro bidahugumba. Baciye rero bagwa mu gahundwe nk’uko vyashikiye Mariya aho yaza aho Umukiza yari ahambwe, agakorora amosozi asanze imva igaragara avuga ati: “bakuyeho umwami wanje nanje nkaba ntazi aho bamushize”( Yohana 20:13).IB 289.4

    Kwiyumvamwo ubumaramare, gutinya ko ubwo butumwa bushobora kuba ari bwo, vyatumye igihe kimwe abatizera bananirwa gutera intambuko. Ico gihe co kurindira kimaze kurengana, ubwo bwoba n’ubwo bumaremare ntivyaciye bikamangana. Ubwa mbere ho ntibaciye bigina intsinzi imbere y’abo bantu bari bahundagajwe n’uko uwo bari biteze atari yaserutse. Ariko kandi kubera ko batigeze babona akamenyetso na kamwe kerekana uburake bwimana, ubwoba bari bafise bwaraheze, bakomantaza imitima maze batangura kwitwengera no kugaya abari bategereje. Abantu batari bake bari berekanye ko bizera inyigisho y’ukugaruka kw’Umwami, barihakanye ukwizera kwabo. Bamwe mu bari bagerageje rwose ivyizigiro vyabo babaye nk’abaronse uruguma mu bwibone bwabo ku buryo babona ko ikibereye kuri bo ari uko bova muri iyi si. Nk’uko vyashikiye Yona baridogeye Imana, maze bahitamwo urupfu aho kubaho. Abari bashingiye ukwizera kwabo ku vyiyumviro vy’abandi, aho kuvyubaka kw’ijambo ry’Imana, bari biteguye noneho kwongera guhindura ivyiyumviro vyabo. Abakengera abandi barakwegakweze abafise intege nke hamwe na ba ntahompagaze babashira mu murwi wabo, bagira urunani bavuga ko bitagikenewe ko bongera kugira ubwoba canke kugira ikindi kintu bitega. Igihe cari carenganye, Umwami ntiyari yaje, kandi isi yari igiye kwongera kumera nk’uko yari iri iyindi myaka ibihumbi n’ibihumbi.IB 289.5

    Abizera atari abo umurenzako bari bahevye vyose kubwa Kristo kandi bari basangiye n’abandi inkuru zimwerekeye kuruta uko vyari vyigeze biba. Uko bari bizeye ni nako bari bashikirije isi imburi yabo ya nyuma; kandi kubwo kuba bari biteze kubana n’Umwigisha wabo vuba hamwe n’abamarayika bo mw’ijuru, bari bagerageje, ku buryo buboneka kwitandukanya n’abari banse kwakira ubwo butumwa. N’ugushaka kwinshi bari badugije iri sengesho mw’ijuru: “Ingo Mwami Yesu ,ingo vuba”. Ariko rero ntiyari yaje - ubu rero kwongera kwiremeka umutwaro uremereye w’imyitwarariko n’amadidane y’ubuzima; na cane cane kwongera guhangana n’agakengerwe hamwe n’agatwengo k’iyi si yababona nk’ibimaremare, cari ikigeragezo gikomeye co kwizera hamwe no kwihangana.IB 290.1

    Ariko rero uku kugwa mu gahundwe ntikwari guhambaye cane nk’ukwashikiye abigishwa igihe Yesu yaza ubwa mbere. Aho Yesu yinjirana icubahiro cinshi muri Yerusalemu, abayoboke biwe bibajije ko yagomba kwimikwa ku ngoma ya Dawidi maze agakiza Isirayeli abari bayikandamije. Bafise ivyizigiro vyo hejuru n’umunezero udasanzwe, bari begereje kurushanya mu guha icubahiro Umwami wabo. Benshi bashashe impuzu zabo mu nzira yariko aracamwo, canke bahasezera n’amababi y’ibigazi. Muri uwo munezero udasanzwe bari bafise, bakoraniye hamwe bashira akamo kabo hejuru bavuga bati: “Hoziyana Mwana wa Dawidi”! Aho abafarisayo bumva bafise umutekano muke kandi bakababazwa n’uwo munezero abo bantu batashobora kwigumizamwo, bagashikiriza Yesu icipfuzo cabo ko yobuza abigishwa biwe, yabishuye ati: “Ndababwire aba ni bahora, amabuye arasemerera” (Luka 19: 40).IB 290.2

    Ubuhanuzi butegerezwa gushitswa. Abigishwa bariko barashira mu ngiro intumbero y’Imana; ariko imbere yabo bari barindiriwe no kugwa mu gahundwe. Nkako nta misi myinshi yaheze batabonye ivyizigiro vyabo bikamangana aho amaso yabo yabona Umukiza ariko arasambagurika agomba gupfa, bamuryamitse mu mva. Ivyo bari biteze ntivyashitse, kandi ivyizigiro vyabo vyaheranye na Yesu. Bagiye kumenya ko ibibashikiye vyari vyaravuzwe mu buhanuzi ari uko babonye Umwami azutse mu ntsinzi akava mu mva nk’uko vyari vyaranditswe ko : “Kristo yari uwo kubabazwa, no kuzuka mu bapfuye”(Ivyakozwe n’intumwa 17:3).IB 290.3

    Imbere y’imyaka amajana atanu, Umwami yari yaramenyesheje abicishije ku wavugishwa n’lmana Zekariya ibi bikurikira: “Nezerwa cane wa mukobwa w’i Siyoni we! Sesereza impundu wa mukobwa w’i Yerusalemu we! Raba umwami wawe aje kuri wewe n’umugororotsi kandi ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba” ( Zekariya 9: 9) Iyo abigishwa baza kumenya ko Kristo yategerezwa gucirirwa urubanza hamwe no gupfa, ntibari gushitsa ibi vyavugishijwe.IB 290.4

    Ni muri ubwo buryo Miller hamwe n’abafasha biwe bashikije ubuhanuzi kandi bagashikiriza ubutumwa Mpwemu yari yaramenyesheje ko buzobwirwa isi, ariko batari gushobora gutanga iyo babanza gutahura ku buryo bwuzuye ubuhanuzi bwerekana ingene bazogwa mu gahundwe, n’ingene inyuma y’aho hategerezwa kuvugwa ubundi butumwa bukabwirwa amahanga yose ko Umwami ategerezwa kuza. Ubutumwa bw’umumarayika wa mbere n’ubw’uwa kabiri bwashikirijwe mu gihe nyaco kandi bwakoze igikorwa Imana yari yabugeneye gukora. Isi yariko ikurikiranira hafi ibiriko biraba, yiteze ko hamwe igihe corengana hanyuma Kristo ntaseruke, ko integuro zose abategereje bamaze gushikako zizoca zikamangana. Ariko igihe abatari bake bihakana ukwizera kwabo kubera ibigeragezo , hariho n’abandi bakomeje guhagarara bashikamye. Ivyamwa vy’ico gikorwa co kwamamaza ukugaruka kwa Yesu, agatima ko kwicisha bugufi no kwisuzuma mu mutima, ko kwitandukanya n’ivy’isi hamwe no kurondera umuvyuro mu buzima, vyaranze ico gikorwa, vyerekanye ko cari cavuye ku Mana. Ntibari guhirahira ngo bahakane ko ubushobozi bwa Mpwemu yera bwari bwashingiye intahe igikorwa co kwamamaza ukugaruka kwa Yesu, kandi nta kosa na rimwe bashobora gusanga mu biharuro vy’ibiringo vy’ubwo buhanuzi. Abarusha abandi kuba abahinga mu babarwanya ntibari bashoboye gusambura icubako bari bashitseko c’ingene basigura ubuhanuzi. Hatabayeho ibimenyamenya vya Bibiliya, ntibashobora kwemera kuvirira intambuko bari bashitseko biciye mu gusengana ishaka ryinshi biga Ivyanditswe, kubwa Mpwemu w’Imana yari yamurikiye ubwenge hamwe n’imitima yariko iragurumizwa n’ubushobozi bwa Mpwemu butanga ubuzima; urwo rugero bari bashitseko ntirwari rwashoboye gusenyurwa n’amajambo ateye ubwoba y’agatituro no kunebagurwa. Kandi n’abigisha rurangiranwa b’abanyamadini babarwanya n’ishavu ryinshi, hamwe n’incabwenge zo muri iyi si, ntibari bashoboye kubakura kw’izima. Bahagaze bashikamye bahanganye n’izo nguvu kubwo ubumenyi no kworoherwa kuvuga, zari zibumbiye hamwe. Ku bakengera no kubakomera akaruru, vyaba bivuye mu bashizwe hejuru canke mu bantu bo hasi, ntaco vyababwira.IB 291.1

    Ego ni vyo ivyo bari biteze ntivyashitse, ariko n’ibi nyene ntivyashoboye gutuma bahugumba mw’ijambo ry’Imana. Igihe Yona yamamaza mu mabarabara y’i Ninewe ko mu misi mirongo ine igisagara kizosambuka; Umwami yaremeye ukwicisha bugufi kw’abantu b’i Ninewe maze yongereza igihe co kubihanganira; ariko ivyo ntivyabujije ko ubutumwa Yona yashikirije bwari buvuye ku Mana kandi ko Ninewe yari yagosowe hisunzwe ubugombe bwayo. Abategereje ukugaruka kwa Yesu bizera ko Imana yabarekuriye gushikiriza imburi y’ibihe vy’amateka muri ubwo buryo. Bamenyesheje ko ubwo butumwa bwashize ku munzane imitima y’abo bose babwumvirije; kandi ko bwakanguye urukundo rwo kuzobona Umwami aseruka; canke rwavyuye urwanko rubi rw’ukuza kwiwe, ruboneka cane canke rutaboneka rwose, ariko rubonwa n’Imana. Ubwo butumwa bwatumye habaho guca akarongo... kugira ngo abazosuzuma imitima yabo bazoshobore kumenya uruhande bazosangwa begamiyeko, igihe Umwami azoba aje - ko bazoshobora kuvuga batangaye bati: “lyi ni Imana yacu, twari tuyirindiriye kandi izodukiza”; canke ko “bazobarira imisozi n’ibitandara bati nimutugweko muduhishe inyonga zivyagiye kuri ya ntebe n’uburake bw’Umwagazi wintama”(Ivyahisuriwe Yohana 6:16). Uko niko nk’uko tuvyizera, yagerageje ukwizera kwabo, ibashira ku munzane, kandi irabona nimba bashobora guhugumba mu gihe c’ingorane, bakava mu kibanza Imana yabona ko kibereye; kandi nimba batazotera ivy’isi umugongo maze bakafatanya mu bwizigirwa bwinshi n’ijambo ryimana. (The Advent herald and Signs of the Times Reporter, vol. 8, No 1, Nov. 12, 1844).IB 291.2

    Ukuntu abakomeje bizera ko Imana ari yo yari yabarongoye mu vyabashikiye biyumvira biboneka muri aya majambo ya William Miller: ” Hamwe nosabwa kwongera kubaho ubuzima nk’ubwo nabayeho, nkashikirwa nibimenyamenya nk’ivyo nabonye ico gihe, ntabeshe imbere yimana n’abantu, nokwemera gukora nk’uko nakoze ico gihe.” “Ndizera ko impuzu zanje zahanaguwe amaraso y’abantu. Ukuntu niyumva, ukurikije ubushobozi nari mfise, naragiye kure y’ikintu cose canyagiriza.” Uyu muntu wimana arandika ati: “Nubwo naguye mu gahundwe incuro zibiri zose, sinagumye ndambaraye hasi canke ngo ncike intege... Ivyizigiro mfise mu kuza kwa Kristo bifise inguvu gusumba uko vyari. Ikintu nakoze conyene, inyuma y’imyaka y’ukuzirikana kugaragarira bose numva ari ikintu notegerezwa gukora icese. Nimba vyarashitse nkazimira, noba nabikoze ku ruhande rwo kugirira abandi ineza, gukunda abandi bantu nka nje hamwe no kwemera gukorera Imana”. “Ikintu kimwe nzi neza ni uko ata kintu nigishije uretse ivyo nemera kandi Imana yarabanye nanje. Ubushobozi bwayo bwarigaragarije mu gikorwa kandi ivyo vyaragize ubwaku ku vyiza vyinshi.” Abantu ibihumbi vyinshi, ku bibonwa n’amaso y’abantu, barongowe kwiga ivyanditswe kubera insiguro zariko zishikirizwa ico gihe; kandi biciye muri ubwo buryo, kubwo kwizera no kumijagirwako amaraso ya Yesu, bariyujuje nimana (Bliss, pages 255, 256 ,277, 280, 281). Ntaho nigeze nipfuza agatwengo k’abahambaye canke ngo njugumire kubwo ishavu ry’ab’isi. Ubu sinzorondera ngo banyumvire akagongwe, kandi sinzorenza urugero rw’ico njejwe gukora kugira ngo nkebure urwanko rwabo. Sinzokwigera ndondera ubuzima bwanje mu maboko yabo, canke ngo mpungabanywe, ndavyizera ,no kububura, nimba Imana mu kugira neza kwayo ariko yabigenye (J. White, Life on WM Miller, page 135)IB 292.1

    Imana ntiyahevye abantu bayo; Mpwemu wayo n’ubu ari hafi y’abo batihutiye kwihakana umuco bakiriye, maze ngo bavuge nabi igikorwa c’abategereje. Mu cete c’Abaheburayo harimwo amajambo yo kuremesha no kugabisha abagosowe, barindiriye muri ico gihe kigoye: “Nuko ntimute ubushizi bw’ubwoba bwanyu, buri n’impera ikomeye. Kuko mukwiye kwihangana kugira ngo ni mwamara gukora ivy’Imana mubone guhabwa ivyasezeranywe.Kuko hasigaye igihe gito cane uwugira aze, azoza ntazoteba. Arik’umugororotsi wanje azobeshwaho n’ ukwizera, naho niyiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. Ariko tweho ntituri mur’abo biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera ubugingo bwabo bugakizwa.” (Abaheburayo 10: 35-39)IB 292.2

    Kubona iyi mpanuro ihabwa ishengero ryo mu misi ya nyuma ni ikintu kigaragara mfatiye ku majambo yerekana ko ukuza kw’Umwami kwegereje. “Kuko hasigaye igihe gito cane uwugira aze, azoza ntazoteba “(Abaheburyao10:37) Kandi biraboneka ko hazobaho ikintu kimeze nko guteba ku buryo Umwami azoboneka nk’uko yatevye kuza. Ivyamenyeshejwe ngo vyitonderwe hano biraroranye n’ibizoshikira abategereje muri kino gihe. Abantu bavugwa kiriya gihe bari bageramiwe no kwibira mu mazi ugereranije n’uko bizera. Bari bashize mu ngiro ubugombe bw’Imana mu kwubahiriza ivyo Mpwemu yera n’ijambo ryayo vyabarongoramwo; ariko n’ubwo vyari bimeze uko, ntibashobora gutahura intumbero y’Imana mu biringo bari baraciyemwo, nta n’ubwo bashobora kubona neza inzira yari imbere yabo; kandi bari bageramiwe n’ikigeragezo co gukekeranya nimba vy’ukuri Imana yamye ibarongora. Muri iki kiringo aya majambo akurikira yari afise ikibanza kibereye: “Noneho umugorortsi azobeshwaho no kwizera.” Kubera ko umuco uhambaye “w’akamo ko mu gicugu” wari wamurikiye inzira yabo, kandi bakaba barabonye ubuhanuzi buhishurwa hamwe n’ugushitswa vuba kw’ibimenyeto vyerekana ko ukuza kwa Kristo kuri hafi, bari begereje kugenda nk’uko vyari, barabisha amaso yabo. Ariko rero ubu, kubera kurambikwa hasi n’ivyizigiro vyabo vyaguye mu gahundwe, bashobora vyonyene guhagarara kubwo kwizera Imana n’ijambo ryayo. Amajambo yo ku bakora kw’itama yaravugwa nk’aya: “Barabahenze. Nimwihakane ukwizera kwanyu, hanyuma muvuge ko igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwo kugaruka kwa Yeu cakomoka kwa Satani.” Ariko Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nihagira uwiyonjorora,ntazohimbara umutima wanje”(Abaheburayo 10:38). Kwihakana ukwizera bari bafise, maze bakagwiza n’ubusa ubushobozi bwa Mpwemu Yera bwari buherekeje ubutumwa bwashikirijwe, vyari kuba bibaye ugusubira inyuma batera baja mu mahonero. Amajambo ya Paulo yabararikira gukomera, bagahagarara bashikamye: “Nuko ntimute ubushizi bw’ubwoba bwanyu”, “Kuko mukwiye kwihangana”, “Kuko hasigaye igihe gito cane uwugira aze, azoza ntazoteba”. Ubukiriro bwabo bwonyene bwari ukugumbira umuco w’Imana bari bamaze kuronka, bakumira ku masezerano yayo ntibatezure, kandi bakabandanya gusesangura mu Vyanditswe maze mu kwihangana bakarindira ngo baronswe umuco wisununuye.IB 292.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents