Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents

Ivyizigiro Bihambaye

 - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane Ca 27 - Umuvyuro Muri Kino Gihe

    Aho hose ijambo ry ‘Imana ryashikirijwe mu bwizigirwa, ryagize inkurikizi zerekana ko ryari rifise inkomoko ku Mana. Mpwemu w’ Imana yaraherekeje ubutumwa bw’abasuku biwe kandi ijambo ryari rifise ubushobozi. Imitimanama y’abanyavyaha yarahungabanye. “Umuco wakira umuntu wese waje mw’isi” waramuritse mu vyumba vy’ibanga vy’imitima, kandi ibintu binyegeje mu mwiza vyarashizwe ahagaragara. Imitima n’ubwenge vy’abantu vyarakozweko mu buryo bwimbitse. Baremejwe icaha, ubugororotsi, hamwe n’igihe c’amateka kigiye kuza. Baratahura ubweranda bwa Yehova maze bagatekerwa n’ubwoba bwo kuzoseruka mu bigabitanyo no mu buhumane bwabo, imbere ya wa Wundi asesa mu mitima. Bihebuye baradugije ijwi hejuru bati: “Ninde yonkiza uyu mubiri w’uru rupfu?”. Kubera ko umusaraba w’i Kaluvari hamwe n’ikimazi cawo kitagira uko kingana catangiwe ivyaha, wahishuwe, babonye ko ata kindi kintu uretse ubutungane bwa Kristo coba gihagije ngo kibabere impongano y’ibigabitanyo bakoze; iki ni co conyene co kwuzuza umuntu nimana. Bemeranye ukwizera hamwe no guca bugufi umwagazi wimana, we akuraho ivyaha vy’isi. Kubwo amaraso ya Kristo “bahariwe ivyaha vyo muri kahise”.IB 328.1

    Aba bantu barerekanye ivyamwa bijanye n’ukwihana. Barizeye kandi barabatizwa kandi barahaguruka kugira bagendere mu buzima bushasha - ivyaremwe bisha muri Kristo; ntibari bakigenda bisunze ivyipfuzo bahorana kera, ariko kubwo ukwizera umwana w’lmana bashira amakanda yabo mu ya Yesu, kugira ngo berekane kamere yiwe, biyeze nabo nyene nk’uko nawe yera. Ibintu bahora banka kera nivyo ba havuye bakunda, ivyo bahora bakunda kera baravyanka. Abahora bibona kandi bubahuka bahindutse abantu bafise umutima mwiza kandi baciye bugufi. Umuntu ataco yahora yimariye kandi yishima yahindutse udafata minenengwe ibintu kandi abayeho ku rugero rubayabaye. Uwahora ashira imbere ukuronka ibintu yahindutse ukunda ivy’Imana, imborerwa zitangura kwigerera, ibihumbu navyo birondera kwihumanura. Imigenzo y’isi idafise akamaro barayihevye, ija ku ruhande. Ico abakristo barondera ntikwari “Ugushaza kwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ukwo kwambara izahabu, cank’ukwo kwambara impuzu nziza; ariko ... kwari ukw’umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’igiciro kinini imbere y’lmana. (IPetero 3: 3,4)IB 328.2

    Iyo mivyuro yazanye ukwisuzuma mu mutima kwimbitse hamwe no guca bugufi. Yarangwa no guhamagara icese ushimitse umunyavyaha, ivyo na vyo bigakorwa n’abantu buzuye impuhwe zagutse bafitiye abantu Yesu yatangiye amaraso yiwe ku musaraba. Abagabo n’abagore barasenga, bakinginga Imana ku bwo ugukizwa kw’abantu. Ivyamwa vy’iyo mivyuro vyabonekera mu bantu aho gusubira inyuma basabwa kwitanga no kwiyibagira, banezerezwa nyabuna no kuba babonetse ko babereye kubabazwa, batukwa kandi bagirigwa nabi kubwa Kristo. Abantu bashingiye intahe izina rya Yesu barabonye ihinduka mu buzima bw’abo. Ikibano caragizweko ubwaku n’abo bantu. Begeranirije hamwe na Kristo, babibira Mpwemu kugira ngo bimbure ubuzima buhoraho.IB 329.1

    Abo bantu, umuntu yabumvako ibi bikurikira: “Umubabaro wanyu wabateye kwihana ” “Umubabaro wo mu buryo bw’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’umubabaro wo mu buryo bw’isi utera urupfu. Nti mubona uwo mubabaro wo mu buryo bw’Imana ukuntu wabateye umwete mwinshi utyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ivyo. (2Ab’ikorinto 7: 9-11)IB 329.2

    lyi ni ingaruka y’igikorwa ca Mpwemu w’Imana. Iyo hatabayeho igikorwa co kwinagura, nta kimenyamenya co kwihana kiba kiriho. Iyo umunyavyaha atanze ico yari yarasezeranye, agasubiza ico yari yaratwaye, akatura ivyaha vyiwe, kandi agakunda Imana hamwe n’abagenzi biwe, arashobora kugira umutima utekanye ko afitaniye amahoro n’Imana. Ivyo ni vyo mu myaka yo hambere vyaboneka nk’inkurikizi y’ibihe bidasanzwe vy’ukwikangura mu vya Mpwemu. Urabiye ku vyamwa bama, vyaraboneka ko bahezagiwe n’Imana ku bwo agakiza k’abantu no gushira hejuru ikiremwa muntu. Ariko rero imivyuro myinshi yo muri ibi bihe vy’iterambere yerekanye ubudasa bukomeye ugereranije n’ingene ubuntu bw’Imana bwiyerekanye mu misi yo hambere buje bukurikira ibikorwa vy’abasuku bayo. Ego ni vyo ko hirya no hino biboneka yuko abantu bavyishimiye, benshi barashinga intahe kandi amashengero yama yuzuye abantu; ariko rero ivyamwa vy’uwo muvyuro ntibituma habaho umwizero ko hariho akarusho k’ubuzima nyezina mu vya Mpwemu. Umuco umurika igihe kimwe ntuteba kuzima, ugatuma habaho umwiza w’umuzitanya usumba uwari usanzweho.IB 329.3

    Kenshi na kenshi imivyuro inyiganyiza abantu benshi iba ifitaniye isano n’imihamagaro yashikanye abantu ku kwiyumvira, igakebura ibigumbagumba: igashikira ku nyota abipfuza ibintu bishasha canke bigezweko. Abantu bihanye muri ubwo buryo bipfuza gake kwumva ukuri kwo muri Bibiliya; ibishingantahe vy’abahanuzi hamwe n’intumwa ntibabiha agaciro kanini. Integuro yose yo mu rusengero idafise akaranga k’ikintu kidasanzwe ntishobora kubakwega. Ubutumwa usanga butegekanirijwe ubwenge ntiburonka inyishu ku ruhande rwabo. Imburi itagabanijwe y’ijambo ry’Imana, yerekeranye n’ivyipfuzo vyabo vy’ubuzima bweranda, ntibayumviriza.IB 329.4

    Ikiranga umuntu wese yihanye vy’ukuri ni ukuntu imigenderanire yiwe n’Imana hamwe n’umwitwarariko wiwe w’ibintu vyamaho bihinduka ibiyago bihambaye vy’ubuzima bwiwe. None mu mashengero rurangiranwa muri kino gihe, ahantu hariho agatima nk’ako ko kwihebera Imana ni hehe? Abihana ntibaheba ukwibona bari basanganywe hamwe no gukunda ivy’isi. Ntibaba bagishaka kwiyibagira, ngo bikorere umusaraba wabo, maze ngo bakurikire Yesu baciye bugufi kandi biyoroheje, gusumvya igihe batari bwihane. Idini ryahindutse umwimenyerezo kubatemera n’abakekeranya kuko abantu benshi baryiyitirira izina batazi ingingo ngenderwako ryubatseko. Ubushobozi bw’ukwitwararika ivy’Imana ntibukiboneka mu mashengero menshi. Ukuja kwisamaza, ibiteramo, inkino zo kurushanya imigisha, amazu meza, ukwitunganya neza ku mubiri, vyatumye abantu bataciyumvira Imana. Amatongo hamwe n'amatungo n’imyitwarariko y’iyi si ni vyo vyuzuye mu bwenge bw’abantu, kandi ibintu vy’agaciro k’ibihe vyose bavyibuka bigoranye.IB 329.5

    N’aho biboneka ko ukwizera hamwe no gukunda Imana bigenda bigabanuka mu bantu, ahantu atari hake, hariho abayoboke b'ukuri ba Kristo muri ayo mashengero. Imbere yuko ivyago vya nyuma bisunitswe n’ibihe vy’amateka y’Imana bizoba bimaze gusukwa kw'isi, mu bantu b'Imana hazobaho umuvyuro nk’uwo hambere mu gukunda Imana ku buryo utarigera uboneka kuva mu gihe c’intumwa. Mpwemu hamwe n’ubushobozi vy’Imana bizosukwa ku bana bayo. Muri ico gihe abantu benshi bazokwitandukanya n’ayo mashengero aho ugukunda ivy’isi vyasubiriye ugukunda Imana n'ijambo ryayo. Benshi, haba mu bakozi b’Imana canke mu bizera basanzwe, bazokwemera banezerewe ukwo kuri guhambaye Imana yashatse ko kwamamazwa muri kino gihe kugira ngo gutegurire abantu kwitega ukugaruka kw’Umwami. Umwansi w’imitima yipfuza kunyegeza iki gikorwa; kandi imbere yuko igihe c’iryo sango ridasanzwe gishika, azogerageza kukiburabuza akoresheje ukucigana. Muri ayo mashengero ashobora kuzirikisha ubushobozi bw’ikinyoma ciwe, azotuma haboneka nk’uko imigisha idasanzwe y’Imana yatanzwe; ico abantu biyumvira ko ari umwitwarariko uhambaye mu vy’Imana. Abantu amasinzi bazonezezwa no kubona ko Imana iriko irabakorera ibihambaye; mu gihe azoba ari igikorwa kiriko kirasunikwa n’iyindi Mpwemu. Abicishije mu kwitwikira umwambaro w’idini, Satani azogerageza gushikana ubwaku bwiwe ahantu hose hari abakristo.IB 330.1

    Mu mivyuro myinshi yabayeho mu gice c’ikinjana kirenganye, ibintu bisa nk’ivyo vyaragaragaye ku rugero rutoya canke run ini; ku buryo bizokwongera bikagaragara ku buryo bwagutse muri kazoza. Abantu baratwarwa n’ibigumbagumba; ukuvanga ukuri n’ikinyoma bishobora gutuma umuntu azimagirika bitagoranye. Ariko nta muntu n’umwe ategerezwa guhendwa. Mu muco w’ijambo ry’Imana, si ikintu kigoye kumenya akarangamutima k’ibiringo nk'ivyo. Aho hose abantu bazofata minenengwe igishingantahe ca Bibiliya, bagashira ku ruhande ukuri kwuzuye gushira ku rupimo imitima kandi gusaba ukwiyibagira no kuvavanura n’iyi si, ntidukwiye gukekeranya ko aho hantu hatoronswa imigisha y’Imana. Kandi nisunze itegeko Kristo ubwiwe yatanze : “Muzobamenyera kuvyo bama” (Matayo 7: 16), ni ikintu kigaragara ko izo nteguro atari igikorwa ca Mpwemu w’Imana.IB 330.2

    Mu kuri kw’ijambo ryayo, Imana yarihishuriye abantu bayo; kandi kuri abo bose bakwemera baca bakingirwa ububeshi bwa Satani. Ugufata minenegwe ukwo kuri ni vyo vyugururiye urugi ibibi vyakwiragiye hose muri iyi misi mu bayoboke b’amadini. Akarangamutima hamwe n’akamaro k’ibwirizwa ryimana, gushika ku rugero kanaka, vyaribagiranye. Ukwiyumvira ukutari kwo kamere, ukwamaho, hamwe n’ibisabwa n’amabwirizwa yimana vyashikanye abantu aho bakora amakosa mu bijanye no kwihana hamwe no kwezwa; kandi vyatumye mu mashengero urugero abantu baharanira gushikako mu gukunda Imana rusubira hasi. Aha ni ho habonekera ibanga ry’uko Mpwemu n’ubushobozi vyimana ata kibanza bifise mu mivyuro yo muri bino bihe.IB 330.3

    Mu mashengero rukristo atandukanye hariho abantu bahambaye kubwo ukuntu bitwararika ivy imana; baremera ko ibintu nk’ivyo biriho kandi bakabigaya. Edwards A. Park, mu gushira ahabona ingorane zigeramiye amadini kino gihe avuga mu majambo atomoye ati: “Imwe mw’isoko y’ingorane ni ugufata minenegwe uruhimbi ntihashirwe ahabona ivyo amabwirizwa yimana asaba. Aho hambere, uruhimbi hari ahantu hasamiranira ijwi ry’umutimanama... Abasiguzi bacu ba rurangiranwa bakurikije akarorero k’Umwigisha, baha amajambo baba bariko barashikiriza ububasha buhambaye mu kwerekana ku buryo bugaragara amabwirizwa, ivyo asaba kwubahiriza hamwe n’ivyo atereyeko ubwoba. Hariho ibintu bibiri ntabanduka bama basubiyemwo ko amabwirizwa ari urwandiko rw’ubutungane rwimana kandi ko umuntu adakunda amabwirizwa adakunda n’ubutumwa bwiza; kubera ko amabwirizwa co kimwe n’ubutumwa bwiza, ari icirore cerekana kamere y’ukuri yimana. Uku kugeramirwa turimwo gushikana ku kundi kwo kutabona ububi bw’ubugesera bw’icaha, ukuntu gikwiriye hose n’ukuntu kitubohera mu kwama twiyagirije. Aho ubweranda bw’amategeko bugera ni naho ububi bwo kutayubahiriza bugera.. ”IB 331.1

    “Ikindi kintu gifatanye n’izo ngorane zitubangamiye, ni ukuba tugeramiwe no kudaha ubutungane bwimana agaciro hishimikijwe uburwaneza bwayo hamwe no gufata ubugwaneza bwimana nk’ikigumbagumba cayo aho kubufata nk’ingingo yo kwisungwa ntabanduka. Inyubako iringaniye y’iyobokamana ryo muri bino bihe ni ugutandukanya ivyo Imana yafatanije. Mbega ibwirizwa ry’Imana ni iciza canke ni ikibi? Ni iciza. Rero ubutungane ni bwiza ; kuko ni integuro ishira mu ngiro amabwirizwa. Iyo habayeho akamenyero k'ugukengera amabwirizwa n’ubutungane vyimana, ugukwiragira kw’ububi bw’ukutubaha kw’umuntu, abantu baca bahenukira vyoroshe mu kamenyero ko gukengera ubuntu bwimana bwadutegekanirije impongano y’icaha. » Uko ni ko ubutumwa butakaza agaciro n’akamaro mu bwenge bw’abantu, kandi bidatevye usanga biteguye no gushira ku ruhande Bibiliya ubwayo.IB 331.2

    Abigisha Bibilya benshi bavuga yuko urupfu rwa Kristo rwakuyeho amabwirizwa, kandi ko rero abantu bafise umwidegemvyo imbere y’ibisabwa n’amategeko. Hariho bam we bayerekanye nk'imvuto zikomeretsa, kandi bakerekana ko amabwirizwa atubohera mu buja mu gihe dufise umwidegemvyo wo kunezerwa kuko turongorwa n’ubutumwa bwiza.IB 331.3

    Ariko iyo si yo nyifato abahanuzi hamwe n’intumwa bari bagize imbere y’ibwirizwa ryera ryimana. Dawidi yavuze ati: «Kandi nzogendana umwidegemvyo kuko nama ndondera amateka washinze. » (Zaburi 119 :45) Intumwa Yakobo yanditse inyuma y’urupfu rwa Kristo yerekana amabwirizwa nk’ « icagezwe c’i Bwami » kandi « ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo. » (Yakobo 2 :8 ; 1 :25) Kandi na Yohana yahishuriwe imyaka mirongo itanu irangiye Yesu amaze kubambwa, yahezagiye abo « Bubahiriza amabwirizwa yayo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa. »(Ivyahishuriwe Yohana 22:14)IB 331.4

    Abavuga ko urupfu rwa Yesu rwakuyeho amabwirizwa ya Se nta shingiro bafise. Iyo bishoboka yuko amabwirizwa ahinduka canke agashirwa ku ruhande, ntivyari kuba bikenewe ko Yesu arinda gupfa kugira ngo akize umuntu uruboyi rw’icaha. Urupfu rwa Kristo, uretse ko rutakuyeho amabwirizwa, rwerekana ko adashobora guhinduka. Umwana w’Imana yaje « kuduza ivyagezwe no kuvyubahiriza. »(Yesaya 42 : 41). Yavuze ati: « Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe », «Gushik’ah’ijuru n’isi bizoviraho nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe » (Matayo 5 : 17, 18) Kandi kubimwerekeye aravuga ati: « Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje ; Mbere ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje »(Zaburi 40 :8)IB 332.1

    Amabwirizwa y’Imana, uhereye ku karangamutima kayo, ntahinduka. Ni ihishurwa ry’ubugombe na kamere vya nyene kuyandika. Imana ni urukundo, kandi n’amabwirizwa yayo ni urukundo. Ingingo zibiri zihambaye ashira imbere ni ugukunda Imana no gukunda umuntu. “Urukundo ni rwo rushitsa ivyagezwe.”(Abaroma 13:10) Kamere y’lmana ni ubweranda hamwe n’ukuri, ako ni ko karangamutima k’amabwirizwa yayo. Dawidi yavuze ati: ” Ivyagezwe vyawe ni ukuri:” “amabwirizwa yawe yose ni ayo ukugororoka.”(Zaburi 119:142, 172) Kandi intumwa Paulo iravuga iti: “None rer’ivyagezwe ni ivyera kand'ibwirizwa ni iryera rigororotse, ryiza.”( Abaroma 7:12) Amabwirizwa nk’ayo kuko ari ihishurwa ry’ivyiyumviro n’ubugombe vy’Imana ategerezwa kwamaho nk’uko nyene yo yamaho ibihe vyose.IB 332.2

    Kunywanisha abantu n’Imana mu kubashikana aho bemera kwisunga ingingo z’amabwirizwa yayo ni igikorwa co kwihana no kwiyeza. Mbere na mbere, umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana. Yari mu buringanire ntangere ku vyerekeranye n’akarangamutima hamwe n’amabwirizwa y’Imana ; ingingo ntabanduka zerekearanye n’ubweranda zari zanditse mu mutima wiwe. Ariko rero icaha catumye umuntu yiyonkora k'uwamuremye. Umuntu ntacerekana ishusho y’Imana yamubonekako aho hambere. Umutima wiwe wama mu ngwano unyinyurana n’ingingo z’amabwirizwa y’Imana. «Kuko kwitwararika ivy’umubiri gutera kwanka Imana kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana kandi kudashobora kuvyumvira. »(Abaroma 8 :7) « Ariko Imana yakunze isi ku buryo itanga umwana wayo w’ikinege », kugira ngo umuntu ashobore kwuzura n’Imana. Biciye mu butungane bwa Kristo, umuntu arashobora kwongera kwuzura n’umuremyi wiwe. Umutima wiwe utegerezwa gutyororwa n’ubuntu bw’Imana, ategerezwa kuronka ubuzima bushasha buvuye mw’ijuru. Iri hinduka ni kwo kuvuka ubwa kabiri; hamwe kutobaho nk’uko Yesu yabivuze, umuntu ntiyokwinjira mu bwami bw’Imana ».IB 332.3

    Intambuko ya mbere mu kwiyuzuza n’lmana ni ukwiyagiriza icaha. « Kand’icaha ni wo mugararizo”. «lvyagezwe ni vyo bimenyekanisha icaha »(I Yohana 3 :4 ; Abaroma 3 :20) Kugira ngo umunyavyaha ashobore kubona ingene ari mubi, ategerezwa gushira kamere yiwe ku rupimo rw’ubutungane buhambaye ntangarugero bw’Imana. Ni icirore cerekana kamere itunganye, iringaniye uko imeze kandi kimushoboza kubona aho kamere yiwe ihobahoba.IB 332.4

    Amabwirizwa yereka umuntu ivyaha vyiwe ariko ntabitorera umuti. Mu gihe asezeranira ubuzima ku bayubaha, arongera kandi akavuga ko urupfu rurindiriye abayahonyanga. Ubutumwa bwiza bwa Kristo bwonyene ni bwo bushobora guha umunyavyaha umwidegemvyo wo kuba atocirirwa urubanza canke ngo icaha kimwanduze. Ategerezwa kwihana imbere y’Imana yakandagiriye amabwirizwa ; kandi akizera Kristo we kimazi c’impongano yiwe. Uko ni ko « arekurirwa ivyaha bitaba bicibukwa » maze agahinduka uwusangira na Kristo akarangamutima k’Imana. Ahinduka umwana w’Imana yakiriye Mpwemu yo kumuhindura umwana w’Imana, imutakisha ngo « Abba, Data ».IB 333.1

    None ubu yoba ari mu mwidegemvyo wo kurenga ku mabwirizwa y’Imana ? Paulo avuga ati: «Mbega non’ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka namba: ushime turabigumisha.» « Twebwe abapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute? »(AbaromaIB 333.2

    3 :31 ; 6 :2) Kandi na Yohana arongera ati : «Kuk’ugukunda Imana ari uku, ni uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora” (1 Yohana 5 :3) Iyo umuntu yongeye kuvuka bundi bushasha, umutima wiwe wongera gushikirana n’lmana, nk’uko kandi atongera guca kubiri n’amabwinzwa yayo. Iyo rero iri hinduka rihambaye ryamaze kuronka ikibanza mu mutima w’umunyavyaha, aba yamaze kuva mu rupfii akaja mu buzima, aba yavuye mu caha akaja mu bweranda, akava mu bigabitanyo n’ubugumutsi, akinjira mu kwubaha no mu bugamburutsi. Ubuzima bwiwe bwa kera bwo kurwanya Imana buba bwarangiye. Ubuzima bushasha bw’umwuzuzo, ukwizera n’urukundo, buba butanguye. « Kugira ngw’ivy’ivyagezwe bibwiriza bishikanwe muri twebwe tutagenda mu buryo bw’akameremere kacu, ariko tugenda mu buryo bw’impwemu. »(Abaroma 8 :4) Kandi imvugo y’umuntu ica ihinduka iyi: « Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Nivyo ndimbura bukarinda bwira. »(Zaburi 119 :97)IB 333.3

    « Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima » (Zaburi 19 :7) Amabwirizwa atariho, abantu ntibogira iciyumviro kiroranye ku bweranda n’ubutungane vy’Imana canke ku bigabitanyo no guhumana kwabo. Ntiboshobora kwumva koko ko biyagiriza icaha kandi ntibokwiyumvamwo ko bakeneye ukwihana. Kubera batabona yuko bari mu kibanza c’abahonyanze amabwirizwa y’Imana, ntibabona y’uko ari ingirakamaro kuri bo ko amaraso ya Kristo ababera impongano. Ivyizigiro vy’agakiza bavyakira hatabayeho uguhinduka kudasubira inyuma kw’umutima canke ubuzima buvuguruye. Ukwihana kw’umurenzako kuragwiriye, kandi abantu benshi batarigera bifatanya na Kristo baraba abanywanyi b’ishengero.IB 333.4

    Inyigisho zitari zo zerekeranye n’ukwiyeza, nazo nyene zishingiye ku gufata minenerwe canke uguhakana ibwirizwa ry’Imana, zirafise ikibanza gihambaye mu buzima bw’amadini muri kino gihe. Izo nyigisho ntizishikirizwa mu kuri kandi n’ivyamwa zishikanako birateye ubwoba; kandi kubera yuko muri rusangi abantu bazishimira, bidutera kubona yuko turushirizaho kwumva ko dutegerezwa kubona ko abantu bose batahura neza ico ivyanditswe vyigisha kuri iyo ngingo.IB 333.5

    Ukwiyeza kw’ukuri ni inyigisho ya Bibiliya. Intumwa Paulo, mw’ikete yarungikiye ishengero ry’i Tesalonike, aravuga ati: « Ico Imana igomba, ni ukwezwa kwanyu. » Kandi arasenga ati «Imana nyen’amahoro ibe ariyo ibeza rwose » (1 Ab’i Tesalonike 4 :3 ; 5 :23) Bibiliya irigisha itomoye ukwezwa ico ari co hamwe n’ingene umuntu yogushikako. Umukiza yasabiye abigishwa biwe ati : « Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri. »(Yohana 17 :17) Kandi Paulo yigisha yuko abizera bakwiriye, « kwezwa na Mpwemu Yera » (Abaroma 15 :16) None igikorwa ca Mpwemu yera ni ikihe? Yesu yabwiye abigishwa biwe ati : « Arik’uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose » (Yohana 16:13) Kandi umunyezaburi avuga ko « amabwirizwa yawe ni ukuri ». Ijambo ry’Imana hamwe na Mpwemu wayo ni vyo biduhishurira ingingo ngenderwako zihambaye z’ubweranda bwayo buri mu mabwirizwa yayo. Kandi kubera yuko amabwirizwa Y’Imana « yera, atunganye kandi ari meza », urwandiko rw’uburinganire bwimana, inkurikizi y’ibi ni uko kamere ihinguwe ku bwo ukugamburukira amategeko nayo nyene izoba iyena. Kristo ni we karorero konyene ka kamere nk’iyo. Aravuga ati : « Nitondeye ivyagezwe vya Data.” ” Jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.” (Yohana 15 :10 ; 8 :29) Abakurikira Kristo bategerezwa guhinduka nka we - kubwo ubuntu bwimana bakwiriye kurangwa na kamere ziringaniye n’ingingo ngenderwako z’amabwirizwa yayo yera. Ukwo ni kwo kwiyeza Bibiliya yigisha.IB 333.6

    Ico gikowa gishikwako vyonyene kubwo ukwizera Yesu Kristo no kubwo ubushobozi bwa Mpwemu w'Imana aba muri twebwe. Paulo yahanuye abizera avuga ati : « Nk’uko mwamye muganduka abe ariko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi. Kukw'Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara » (Ab’i Filipi 2 :12, 13) Umukristo azokwama yumva akwegwakwegwa n’icaha ariko azokwama mu ntambara yo kukirwanya. Aha ni ho dukenera ubufasha bwa Kristo. Intege nke z’umuntu zifatanya n’inkomezi zimana maze uwizera akavuga ati: « Arik'Iman’ishimwe, iduha gutsinda kubw’Umwami wacu Yesu Kristo. » (1 Ab’i Korinto 15 :57)IB 334.1

    Ivyanditswe birerekana ku buryo bwuzuye yuko igikorwa c’ukwiyeza ari ico kwamizako. Igihe co kwihana, iyo umunyavyaha yuzuye nimana akaronka amahoro kubwo amaraso y’impongano ya Kristo, ubuzima rukristo buba buhejeje gutangura. Ubu rero aba akwiriye kugenda atera imbere mu gutunganywa agakura, agashika ku rugero rw'ubwinshi bw’ukunengesera kwa kristo. Intumwa Paulo aravuga ati : «arik’ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’inyuma kandi nshingira ibir’imbere. Mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa ku mpera y’umuhamagaro wimana muri Kristo Yesu wo kuja mw’ijuru » (Ab’i Filipi 3:13, 14) Kandi na Petero arashira imbere yacu intambuko umuntu asabwa kugira ngo ashikire ukwizera Bibiliya yigisha « Mbere kubw’iyo nyanduruko nyene ubwanyu, mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongereko ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek'ubwenge; ubwenge mubwongereko kwirinda, ukwirinda mukwongereko kwubaha Imana, ukwubah imana mukwongereko gukunda bene Data, ugukunda bene data mukwongerek’urukundo.... Ni mwakora ivyo ntimuzotsitara na gatoya” (2Petero 1: 5-10)IB 334.2

    Abantu bitwararika ukwezwa kwabo nkuko Bibiliya ivyigisha bazorangwa n’umutima wo kwicisha bugufi. Nk’uko vyashikiye Mose, bazoba bashitse ku rugero babona ubweranda buhambaye bwimana, kandi bakabona ingene batabereye iyo bigereranije ku bweranda n’ubutungane bwa wa Wundi atagira intango n’iherezo.IB 334.3

    Uwavugishwa nimana Daniyeli yabaye akarorero ko kwezwa nyakuri. Yabayeho igihe kirekire kandi ubuzima bwiwe bwaranzwe n’ibikorwa vyiza arangurira Umwigisha wiwe. Yari umuntu akunzwe cane n’ijuru. Ariko aho kwamamaza ko adahumanye kandi yera, uyu mwigishwa w’Imana yabaho yifadikanije na Isirayeli nyezina irangwa n’icaha igihe yariko yinginga Imana ku neza y’abantu bayo : « Kukw’ivyo tugutakambiye tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bwacu, ariko ni kubw'imbabazi zawe nyinshi.» « Tweho twaracumuye, twakoze nabi .” (Daniyeli 9 :18, 15) Aravuga ati : « Nariko nsenga natura icaha canje n’ic’ubwoko bwacu bw’ab’isirayeli » (Daniyeli 9: 20) Hanyuma aho umwana w’Imana yaseruka kugira ngo amumenyeshe ivyo kwitondera, Daniyeli aravuga ati : « Maze sinasigarana inkomezi na nkeya, mu maso hanje harahindana, ndadendebukirwa. »( Daniyeli 10: 8)IB 334.4

    Igihe Yobu yumva ijwi ry’Umwami rizananye hagati y’igihuhusi c’umuyaga, yaritangaje ati : « Ni co kinteye kwizinukwa nigaragura mu mukungugu no mu munyota. » (Yobu 42 : 6) Igihe Yesaya yabona icubahiro c’Umwami akumva abakerubi bavuga ngo : « Uwera, uwera, uwera ni we Uhoraho nyen’ingabo » yaciye asemerera cane ati : «Mbonye ibara ndapfuye kuko nd'umunyaminwa yanduye.»(Yesaya 6 :3, 5) Paulo amaze kuduzwa mw’ijuru rya gatatu kandi akumva amajambo ateye igomwe umuntu atarekuriwe kuvuga, yabonye ubwiwe « Ari mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose.” (Abanyefeso 3 : 8) Yohana wa mwigishwa yakunda, yegamira ku gikiriza c’Umukiza kandi yabonye icubahiro ciwe, ni we yaguye nk’upfuye ku birenge vy’umumarayika.IB 335.1

    Ntibishoboka ko habaho ukwishira hejuru canke ukwishima uvuga ko waronse umwidegemvyo ku caha, kuri abo bagendera mu gitutu c’umusaraba w’i kaluvari. Bariyumvamwo ko ari ivyaha vyabo vyatumye agahinda kavuna umutima w’umwana w’Imana, kandi iki ciyumviro gituma bamana ukwicisha bugufi. Ababa hafi ya Yesu baratandukanya ku buryo butomoye ingene umuntu arangwa n’icaha hamwe n’intege nke kandi ivyizigiro vyonyene bafise bishingiye ku gikorwa caranguwe n’umukiza yabambwe kandi akazuka.IB 335.2

    Ukwiyeza gushirwa imbere muri kino gihe mu madini yo mw’isi kwibangikanishije agatima ko kwishira hejuru hamwe no gutitura amabwirizwa y’Imana, bituma kuboneka ko ata sano gufitaniye n’idini ryo muri Bibiliya. Abagushigikiye bavuga ko ukwizeza ari igikorwa gishika mu kanya runaka, kandi ko guca gushikana ubwo nyene, biciye ku kwizera kwonyene ku bweranda bunengesereye. Bavuga bati : « Ni wizere vyonyene, imigisha ica iba iyawe. » Nta kandi kigoro biboneka ko koba gasabwa ku ruhande rw’uwohabwa umugisha. Hamwe n’ivyo kandi nyene, barahakana ubushobozi bw’amabwirizwa y’lmana, bakerekana ko bahawe umwidegemvyo ku vyo kwongera kwubahiriza amabwirizwa. Ariko none vyoba bishoboka ko umuntu yoba uwera, ugereranije n’ico ubugombe na kamere y’lmana bisaba, hatabanje kubaho guhuza n’ingingo ngenderwako zihishura akarangamutima hamwe n'ubugombe vyiwe, kandi zikerekana ibimuhimbara ivyo ari vyo ?IB 335.3

    Icipfuzo c’idini ryiyorohereza ridasaba akigoro na kamwe, kugira ico umuntu aheba, kwitandukanya n’ubusazi bw’iyi si, catumye inyigisho yo kwizera, kandi ukwizera kwonyene, iba agaharawe, ariko none ijambo ry’Imana ribivugako iki ? Intumwa Yakobo avuga ati : «Vyomara iki ga bene Data, namb’umuntu avuga yuk’afis’ukwizera, ata bikorwa akora? Mbega ukwo kwizera kwoshobora kumukiza ?...Ariko wa muntu w’imbura kimazi we mbeg’ugomba kumenya ingene ukwizera kutagira ibikorwa ar’ukw’ubusa? Aburahamu sogokuruza mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa hamwe yar’atanzekw’ikimazi umwana wiwe Isaka ku gicaniro? Ntubona yuk’ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi kwahinguwe rwose n’ibikorwa ?...Murabona yukw’ibikorwa arivyo bitsindanishiriza umuntu, atar’ukwizera kwonyene. »(Yakobo 2: 14-24)IB 335.4

    Ivyo ijambo ry’Imana rishingira intahe biratandukanye n’iyi nyigisho y’ukwizera kutagira ibikorwa ikwegakwega abantu. Kwitega ko ijuru rikuraba ryiza ariko ntiwisunge ibisabwa kugira ngo ugirirwe ubuntu ; ukwo si ukwizera ; ni ukwigerezako kuko ukwizera nyezina kwubakira ku masezerano no kuvyategekanijwe n’lvyanditswe.IB 336.1

    Ntihagire abantu na bamwe bihenda biyumvira ko bashobora kuba aberanda mu gihe bahonyanze amabwirizwa y’Imana nkana. Ugukora icaha wabigambiriye ni ukubuza ijwi rya Mpwemu kuvuga hamwe no kwitandukanya n’lmana. « Icaha ni ukwica amategeko y’I mana. » Kandi « Ukora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye » (1 Yohana 3: 6) Naho mu makete yiwe Yohana atsimbatara ku buryo bwuzuye ku rukundo, ariko ntatinya kwerekana kamere y’ukuri y’uwo murwi w’abantu berekana ko bamaze kwiyeza ariko babayeho bakandagira amabwirizwa y’Imana. « Uwuvuga ngo ndamuzi ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, ni umubeshi ukuri ntikuri muri we. Ariko uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhinguwe muri we vy’ukuri”. Aha niho ukwerekana ko umuntu ari umunyedini gushirirwa ku munzane. Ntibishoboka ko umuntu bamuharurako ubweranda atabushize ku rupimo rwonyene rw’ubweranda Imana yatanze ngo abe ari rwo rwisungwa haba mw’ijuru canke kw’isi. Iyo abantu batumva ko amabwirizwa y’Imana aremereye, iyo bayafata ibisanzwe kandi bakerekana ko ivyo Imana isaba ari ibintu bibayabaye ; iyo bishe ibwirizwa rimwe ritoya muri ayo mabwirizwa yose kandi bakigisha abantu gukora nk’uko, ijuru ntiribemera kandi ico twomenya ni uko ivyo bashira imbere berekana ata shingiro biba bifise.IB 336.2

    Kandi kwerekana ko ata caha ufise ubwavyo ni ikimenyamenya c’uko uba uri kure y’ubweranda. Ni ukubera ko ata ciyumviro c’ukuri baba bafise c’ubweranda butagira aho bugarukira hamwe n’ubuninahazwa bw’Imana, canke ngo bamenye urugero bashobora gushikako mu guhinduka, abo bipfuza kubaho mu buringanire na kamere y’Imana ; kubera ko ata ciyumviro c’ukuri afise c’ubweranda hamwe n’urukundo rurengeye rwa Yesu, hamwe n’ubuhendanyi hamwe n’ububi bw’icaha, umuntu ashobora kubona ko ari umweranda. Iyo umuntu ari kure ya Kristo, ivyiyumviro vyiwe navyo ku vyerekeranye na kamere y’Imana hamwe n’ivyo idusaba biba bitari mu ntumbero nziza, aca arushiriza kubona mu maso yiwe ko ari umugororotsi.IB 336.3

    Ukwezwa gushirwa imbere mu Vyanditswe gutumbereza ku muntu yuzuye - impwemu, umutima n’umubiri. Paulo yasengeye abantu b’i Tesalonika avuga ngo : « Kand’impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe ngo bize bisangwe bitagira umugayo ah’umwami wacu Yesu Kristo azozira (1 Ab’itesalonike 5: 23) Yarongeye yandikira abizera ati: « Nuko bene Data ndabahanura kubw'imbabazi z’Imana ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi vyera bihimbara Imana. »(Abaroma 12: 1) Mu gihe ca Isirayeli ya kera, ishikanwa ryose ryatangwa nk’ikimazi ku Mana bararyihweza neza. Iyo igitungwa caba categuwe gutangwa cabonekako agasembwa, nticemerwa kuko Imana yari yaratomoye ko ishikanwa ritegerezwa kuba ridafise « amarabaga ». Rero abakristo basabwa gutanga imibiri yabo nk’ibimazi bizima, vyera, bihimbara Imana. Kugira ngo babishikeko, ubushobozi bwabo bwose butegerezwa kuba bukingiwe ku buryo bwiza bubereye. Ikintu cose cotuma inguvu z’umubiri canke z’ukwiyumvira zidebukirwa gituma umuntu biboneka ko atabereye igikorwa c’uwamuremye. None hari ikindi kintu cohimbara Imana uretse igikorwa gisumba ibindi twokora mw’izina ryayo ? Yesu yavuze ati: «Uze ukunde Umwami Imana yawe n’umutima wawe wose.” Abantu bakunda Imana n’imitima yabo yose bazonezezwa no kugira ikintu bamukoreye kiruta ibindi mu buzima bwabo ; kandi bazokwama barondera kuzana ubushobozi bafise bwose ngo bahuze n’amategeko yobahimiriza gutuma bakora ubugombe bwimana. Ntibazohumanya canke ngo batiture agaciro k'ishikanwa bashikaniye umuremyi wabo wo mw’ijuru kubwo kunezereza umubiri canke akayabagu.IB 336.4

    Petero aravuga ati : « mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri birwanya ubugingo» (1 Petero 2 :11). Icaha cose umuntu akora gituma inguvu yari afise zisendwa, zikaremererwa ; ubwenge mu vyo ubumenyi no mu vya Mpwemu bugakabirana, kandi ijambo ryimana na Mpwemu navyo ntibibe bigishobora kugira ku mutima n’umwe ubwaku buhambaye. Paulo yandikiye abantu b’i Korinto ati : «Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana »(2 Ab’ i Korinto7 :1 » Kandi mu vyamwa vya Mpwemu « urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ubugwaneza,, ingeso nziza, kuba umwizigirwa » - yashizemwo « ukwirinda.» (Ab’i Galatiya 5 : 22,23)IB 337.1

    Nubwo hariho aya majambo atugabisha, abakristo batitura ubushobozi bwabo mu kurondera inyungu canke mu kujana n’ibiharawe, bangana iki ? Abikurako ishusho yimana kubwo kugira umunoho w’ivyo barya, w’inzoga banywa no kugendera mu bibanezereza bibujijwe bangana iki ? Kandi ishengero naryo, aho kubahambarira, kenshi rituma abantu bimenyereza ikibi mu gukabura akayabagu mu bantu, agatima ko kwironderera inyungu canke ko gukunda ibibahimbara, ko kurondera kwuzuza imifuko yabo itanengesereye kuko badakunda umukiza wabo. Hamwe Kristo yokwinjira mu mashengero yo muri kino gihe, maze akaraba imisi mikuru hamwe n’urudandaza ruhumanye bihabera mw’izina ry'idini, ntiyoreka gusohora abo bahumanya ingoro yimana nk’uko muri kahise yirukanye mu rusengero abavunjirizayo amahera.IB 337.2

    Intumwa yimana Yakobo amenyesha ko ubwenge buva mw’ijuru « irya mbere » « butunganye.” Mbega yoba yarahwanye n’abavugisha iminwa yahumanijwe n’itabi izina ry’agaciro rya Yesu, abantu impwemu n’imibiri yabo vyandukijwe n’akamoto kica karyo ; kandi bahumanya ikirere co mw’ijuru maze bagatuma ababakikije bose bakoresha impwemu zirimwo ubwo burozi? Iyo ntumwa iyo iza kumenya ko hariho inyifato ihushanije n’ubweranda bw’ubutumwa bwiza, ntiba yarayitunze urutoke akayishira ahabona nk'inyifato y’isi, ihenda amaso n’umubiri, ishigikira umurwanizi ? Abantu bari mu buja bw’itabi birashika bakitega imigisha y’ukwezwa kwuzuye kandi bakavuga ibijanye n’ivyiyumviro vyabo vy’ubuzima buzoza ; ariko ku buryo bwuzuye, ijambo ryimana riravuga riti : «Kandi kuri wo ntaho hazogera ikintu gihumanya.» (Ivyahishuriwe Yohana 21: 27)IB 337.3

    «Ntimuzi yukw’imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza. Kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero mushimishe Imana mu mibiri yanyu. » (1 Ab’I korinto 6: 19, 20) Umuntu umubiri wiwe ari ingoro ya Mpwemu yera ntazokwemera kuba mu buja bw’akamenyero kabi akariko kose. Ubushobozi bwiwe ni ubwa Kristo yamuguze igiciro c’amaraso. Ivyo atunze ni ivy’Umwami. None yoreka guhanwa gute hamwe yokwonona umutahe yahawe kubwo kwizigirwa ? Ku mwaka ku mwaka abantu berekana ko ari abakristo basohora igitigiri c’amafaranga atagira uko angana ku bintu ataco bimaze kandi biteye amakenga mu gihe imitima myinshi inyotewe ijambo ry’ubuzima iba iriko iragandagurika. Imana barayiba ibigiracumi n’amashikanwa mu gihe ku ruhimbi rw’ibigumbagumba bijana mu bupfu haherera ivyofashije abakene canke bigashigikira igikorwa c’ubutumwa bwiza. lyaba abantu bose berekana ko bakurikira Kristo baba bariyejeje koko, aho gukoresha uburyo bwabo ku bintu bidakenewe canke vyonona umubiri bari kubishingura mu bubiko bw’Umwami, kandi abakristo baba baratanze akarorero ko kwigerera, kwiyanka hamwe no kwitanga. Aho rero barashobora kuba umuco w’isi.IB 337.4

    Isi ntikigirira akagongwe. «Ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo vy’amaso, n’ubwibone bw’ubu bugingo » vyaratwaye abantu isinzi. Ariko abayoboke ba Kristo bafise ihamagarwa ryera. « Nuko muve hagati ya ba bandi, mubitandukanyeko, niko Uhoraho agize. Kandi ntimugakore ku kintu na kimwe gihumanye. » Hisunzwe umuco w’ijambo ry’Imana, turashobora kuvuga ko ukwezwa kudasunika umuntu ngo ahebe gukurikirana inzira z’icaha hamwe n’ibihimbaro vy’icaha isi itanga, ntikuba gushitse.IB 338.1

    Kuri abo bakurikiza ivyo aya majambo « Nuko nimuve hagati ya ba bandi mubitandukanyeko.... Kandi ntimugakore ku kintu gihumanye na kimwe » avuga, isezerano ry’Imana kuri bo ni iri : «Nanje nzobakira. Kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, nik’Uhoraho ashobora vyose agize. » (2 Ab’i Korinto 6 :17, 18 ». Ni amahirwe kandi ni n’ibanga ry’umukristo wese kugira ubumenyi bwinshi kandi bwagutse mu vy’Imana. Yesu yavuze ati: «Jewe ndi umuco w’isi. » «Unkurikira ntah’azogenda mu mwiza, arikw’azogira umuco w’ubugingo. » « Arikw’inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mugatondotondo, ugenda urushirizaho gukayangana gushitsa hakeye rwose. » (Imigani 4: 18) Intambuko yose y’ukwizera ituma umuntu arushirizaho kwegera umuco w’isi utigera ubamwo umwiza na gatoya. Imishwarara ica ibibatsi y’izuba ry’ubugorotosi rimurikira abasuku b’Imana, kandi nabo bagakwiza umuco waryo. Nk’uko inyenyeri zitwereka ko hariho umuco uhambaye mw’ijuru ubwiza bwawo butuma zakaka, n’abakristo ni ko bategerezwa gutuma abantu bamenya ko hariho Imana ivyagiye ku ntebe y’inganji y’isi n’ijuru ifise kamere ibereye kwiganwa no kuninahazwa. Ubuntu bwa Mpwemu wayo, ubweranda n’ubuninahazwa bwa kamere yiwe, bizogaragarira mu bayishingira intahe.IB 338.2

    Mw'ikete Paulo yandikiye ab’i Kolosayi, arerekana imigisha isagutse abana b’Imana baronka. Aravuga ati : « Ntiduhengeshanya kubasengera no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’igomba n’ubwenge bwose no kumenya ivy’impwemu, kugira ngo mugende nk'uko bibereye ab’Umwami wacu mumunezereza muri vyose , mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose mugwizwa no kumenya Imana, mushobozwa n’ubushobozi bwose nk’ukw’inkomezi z’ubwiza bwayo ziri, ngo mwihangane rwose ntimurambirwe, mubigirane umunezero.» (Ab’i Kolosayi 1: 9-11)IB 338.3

    Arongera kandi akandika yipfuza ko bene Data b’i Efeso boshika aho batahura uburebure bw’igihagararo c’amahirwe abakristo bafise. Yarerekanye imbere yabo, akoresheje imvugo irushirijeho kwumvikana, ubushobozi buhambaye n’ubumenyi butegerezwa kubaranga nk’abahungu n’abakobwa b’Isumba vyose. Vyari bibabereye « Kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mutima, babihawe na Mpwemu wiwe: Kristo abe mu mitima yabo kubw’ukwizera; kugira ngo bagire imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro rwubatswemwo, bagire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n’abera bose uburebure bw’ubwaguke n’ubw’amakika n’ubw’igihagararo n’ubw’amajepfo ubw’ari bwo. Bamenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa. »Ariko isengesho ry’iyo ntumwa ryerekanye amahirwe aruta ayandi aho yasenga avuga ati : « kugira ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose. »(Abanyefeso 3: 16-19)IB 339.1

    Hano harahishurwa uburebure bw’igihagararo busabwa dushobora gushikako kubwo kwizera amasezerano ya Data wacu wo mw’ijuru, iyo dushize mu ngiro ivyo adusaba. Kubwo igikorwa gishimishije Yesu yaranguye, turashobora kwegera intebe y’inganji y’ubushobozi budafise aho bugarukira. «Itimanye Umwana wayo ikamutanga ku bwacu izobura ite kutugabirira vyose kuri we.” (Abaroma 8: 32) Imana Data yahaye umwana wayo Mpwemu wayo itarinze kumugerera, kandi natwe dushobora guhabwa ukwo kunengeserezwa. Yesu aravuga ati : «None mwebwe ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye.” (Luka 11: 13) «Ni mwagira ico musaba mw’izina ryanje, nzogikora.» «Musabe muzohabwa ng’umunezero wanyu wuzuzwe.”(Yohana 14 :14 ; 16 :14)IB 339.2

    N’aho ubuzima rukristo buzorangwa no kwicisha bugufi, ntibukwiriye kubonekamwo umubabaro no kwikengera. Umuntu wese arafise ayo mahirwe yo kubaho kugira ngo Imana imwemere kandi imuhezagire. Si ubugombe bwa Data wacu wo mw'ijuru ko tubaho dutwikiriwe n’umwiza kandi duciriweko iteka. Kugenda wicurikiriye umutwe hasi kandi umutima wuzuye ivyiyumviro vy’inarije si co kimenyamenya co kwicisha bugufi kw’ukuri. Turashobora kuja kuri Yesu akaduhumanura maze tugahagarara imbere y’amategeko tutamaramara kandi ataco twiyagiriza. «Nuko rero noneh’abari muri Kristo Yesu, bataganzwa n’umubiri ahubwo barongorwa na Mpwemu, nta rubanza ruzobatsinda »(Abaroma 8:1)IB 339.3

    Kubwa Yesu, abana b’Adamu baguye mu caha bahinduka « abana b’Imana ». «Kuk’uweza n’abezwa bose bakomotse kur’Imwe: ni co gituma atagira isoni zo kubita bene Se.” (Abaheburayo 2: 11) Ubuzima rukristo bukwiriye kuba burangwa n'ukwizera, intsinzi hamwe n’umunezero mu Mana. « Kukw’icavyawe n’lmana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. » (1 Yohana 5: 4) Nehemiya umusuku w’Imana yavuze ukuri : « Umunezero w’Uhoraho ni zo nkomezi zanyu. »(Nehemiya 8:10) Kandi Paulo nawe aravuga ati : « Mwame munezerewe mu mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri ni munezerwe » (Ab’i Filipi 4:4)« Munezerwe imisi yose; musenge ubudasiba mwame mukenguruka muri vyose kukw’ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu. (I Ab’l tesalonike 5: 16-18)IB 339.4

    Ivyo ni vyo vyamwa vy’ukwihana n’ukwezwa Bibiliya yigisha. Kandi ntivyama vyabonetse kenshi kubera yuko hagati mu bakristo, ingingo nyamukuru z’ubutungane bw’amabwirizwa yimana batazishimira. Iki ni co gituma usanga igikorwa cimbitse kandi c’igihe kirekire ca Mpwemu wimana caherekeje imivyuro muri iyo myaka yo hambere kikiri gito.IB 339.5

    Igituma duhinduka tukagira ishusho ya Kristo ni uko tuba twamuravye. Ariko nimba amabwirizwa Imana yahishuriyemwo ubweranda n’ubuninahazwa bwa kamere yayo akengerewe, kandi ivyiyumviro vy'abantu bikaba bikwegwakwegwa n’inyigisho z’abantu hamwe n'ibindi bintu bashira imbere, ntibitangaje kubona mw’ishengero ukurazwa ishinga no kubaho mu bweranda vyarasubiye inyuma. Umwami aravuga ati : « Bataye jewe isoko y'amazi y’ubugingo bakiyimbira ivyobo vyo kubika amazi, ivyobo vyatobotsemwo imishwena, bidashobora kugumamw’amazi.»(Yeremiya 2:13).IB 340.1

    «Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi... Arikw’ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro. Azomera nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: ic'azokora cose kizomubera ko.” (Zaburi 1 :l-3) Umuvyuro ufitaniye isano n’ukwizera hamwe no gukunda Imana vyo hambere ushoboka vyonyene mu bantu bayo hamwe amabwirizwa yayo yoba asubijwe ikibanza kiyabereye. «Uku nik’Uhoraho agize ati muhagarare mumayira mwitegereze, mubaze inzira za kera inzira nziza iy’ari yo abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. »(Yeremiya 6:16)IB 340.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents